Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca mbere: Umugararizo

    Mw'ijuru, imbere y'umugararizo, Lucifer yari umumarayika akomeye kandi ashizwe hejuru, yari yegereye Umwana w'lmana ku cubahiro. Mu maso hiwe, cokimwe no mu maso y'abandi bamarayika, hari harimwo ubugwaneza kandi hagakayanginisha umunezero. Uruhanga rwiwe rwari rurerure kandi rwagutse, vyerekana ubwenge bukomeye. Imero y'umubiri wiwe yari iyitagira agahonzi, igihagararo ciwe cari ic'icubahiro kandi giteye igomwe vy'ikinyabwami. Umuco w'imbonekarimwe wava mu maso hiwe hanyuma ugakayanganira hirya no hino yiwe mu buryo bw'igitangaza kandi uwo muco ukarushiriza kuba mwiza gusumba abandi bamarayika; yamara Kristo, Umwana w'lmana, yaruta kure n'iyo amakoraniro y'abamarayika. Yari umwe na Data imbere y'uko abamarayika baremwa. Lucifer yarifuza ikibanza ca Kristo, maze buhoro buhoro yigarurira gutanga amategeko vyari ivya Kristo gusa.IY 4.1

    Abamarayika baremera Kristo nk'umurongozi w'ijuru, ububasha bwiwe hamwe n'bwiwe co kimwe na Data ubwiwe. Lucifer yiyumvira ko ariwe ashimwa mw'ijuru mu bamarayika. Imana yari yamuhaye igihagararo kiri hejuru, mugabo ivyo ntivyamuzanyemwo gushima hamwe no guhimbaza Umuremyi. Yifuza kuja ku nganji y'lmana ubwayo. Yari afise ubwiza bw’akaroruhore kuko yari yarashizwe hejuru. Yar'azi ko yubahwa n'abamarayika. Yari afise igikorwa kidasanzwe co gukora. Yari yarabaye hafi y'Umuremyi akomeye, kandi imishwarara y'urudaca y'umuco izengurutse Imana y'ibihe vyose yari yaramwakiye cane cane we. Yaribaza ukuntu abamarayika bubahiriza amategeko yiwe n'ingoga kandi banezerewe. None impuzu ziwe ntizari umuco kandi zikaba nziza? None kuki Kristo yari kwubahwa ukuraho kumusumba?IY 4.2

    Ava hafi y'aho Data ari, atanyuzwe kandi yuzuye ishari kuri Kristo. Anyegeza intumbero ziwe z'ukuri, yikoraniriza abamarayika bamukikuje. Amenyesha intumbero yiwe, iyo nayo yari we nyene. Nk'umuntu yarenganijwe, avuga ingene Imana yamufashe nabi hanyuma igakundwakaza Yesu. Akama ababwira kuva ubwo, umwidegemvyo urimwo umunezero abamarayika bari baragize umunezero wo kubamwo uba uraheze. Kuko iyaba atamukuru yari yarashizwe hejuru yabo wo kubaganza, none ninde baba barahaye icubahiro gisa n'ico umugurano ahereza sebuja?IY 4.3

    Ababwira ko yabakoranirije hamwe kugira ngo abereke ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo ntiyemere ukwo kwifatirwa kw'uburenganzira bwiwe n'ubwabo; kandi ko bitazosubira gushika aho we yunamira Kristo. Ahubwo ko mugishingo c'ivyo ico cubahiro yohaye Kristo azociha kuko Imana yari ikwiye kukimuha, kandi ko ariwe azoba umugabisha w'ingabo zose zizemera kumukurikira no kwubaha ijwi ryiwe.IY 5.1

    Harabaye ukutavuga rumwe gukomeye mu bamarayika. Lucifer hamwe n'abo bafatanije bariko baragerageza gusubira guhinyanyura ukundi gusha Leta y'lmana. Barigometse kubutware bw'lmana.IY 5.2

    Abamarayika bari intamuheba kandi ba banyakuri baragerageje kugarukana uyu mumarayika w'umunyenkomezi kandi yagararije kubugombe bw'Umuremyi. Barerekanye mu buryo butomoye ko Kristo ariwe Mwana w'lmana, yahoranye nawe imbere y'uko abamarayika baremwa. Yamye ahagaze i buryo bw'lmana. Ubutware bwiwe burimwo uburwaneza n'urukundo ntivyari bwigere bizamwo amakenga imbere y'aho, kandi ko Atari amategeko y'agakandamizo yatanga ahubwo ko wari umunezero ku ngabo z'ijuru gushira mu ngiro ivyo asaba. Barerekanye ko icubahiro ca Kristo c'imbonekarimwe kitavunguwe kuco Lucifer yari yarahawe. Abamarayika bararira. Baragerageje mu buryo bushimitse kumwereka ko yari akwiye gutana n'ikigazuzo ivyiyumviro vyiwe bibi yadukanye no kwemera kuyoboka Umuremyi.IY 5.3

    Barerekanye ko gushika ico gihe ibintu vyose vyari amahoro n'ukutavuguruzanya. None iri jwi ry'umugararizo wo gucanamwo ryava kuyihe mvo?IY 6.1

    Lucifer yaranse kwumviriza. Maze ava mu kuba mu bamarayika b'intamuheba abanyakuri ku Mana, hanyuma bemeza ko bari abagurano. Abo bamarayika, b'abanyakuri imbere y'lmana, bahagaze batangaye cane babonye ukugene Lucifer yariko aroranirwa mu twigoro twiwe two kuvyura umugararizo. Abasezeranira intwaro nshasha kandi irusha iyari ihari kuba nziza, iyo nayo ikaba yari kubamwo umwidegemvyo wuzuye. Ibitigiri binini vyarerekanye intumbero yavyo yo kumwemera nk'umurongozi wabo n'umugabisha, yihenda mu kwibaza ko vuba agiye kuronka abamarayika bose kuruhande rwiwe, kandi ko agiye kungana n'lmana ubwayo. Ko maze bose bazumva ijwi ryiwe ryo kugaba ingabo zose zo mw'ijuru.IY 6.2

    N'aho nyene abamarayika b'intamuheba ku Mana baramugabisha, bamukurira inkoni ku gishitsi ko azobona ingaruka mugihe yonana.IY 6.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents