Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca kabiri: Irema

    Se n'Umuhungu batangura igikorwa gikomeye, c'akaroruhore bari barateguye-co kurema isi. Isi yavuye mu biganza vy'Umuremyi ari nziza bitangaje. Hariho imisozi n'udutumba hamwe n'ibiyaya, bigenda bikurikirwa n'inzuzi hamwe n'amazi. Isi ntiyari ikiyaya kiri hamwe, mugabo uratiye ijisho yari isa nka hose hagacamwo udutumba n'imisozi, bitari birebire kandi bitagazaguye nk'uko biri uno musi, ariko vyari biringaniye kandi ari vyiza mu mero. Ibitandara bitambaye kandi birebire ntivyigera biboneka, ahubwo vyari musi, nka kurya kw'amagufa mu mubiri niko vyari kw'isi.IY 7.1

    Amazi yari yiganje henshi. Udutumba, imisozi hamwe n'ibiyaya bisharijwe n'ibiterwa hamwe n'amashurwe hamwe n'ibiti birebire vyiza vy'uburyo bwose, vyari binini kandi vyiza cane kurusha uko ibiti biri uyu musi. Akayaga kari akatagira agahonzi kandi gatera amagara meza, isi nayo yasa n'ikirimba ciza. Abamarayika barabibona hanyuma bakanezerererwa ibikorwa vy'akaroruhore vy'lmana.IY 7.2

    Inyuma yo kurema isi hamwe n'ibikoko biri muri yo, se n'Umwana barateje imbere intumbero yabo, yari yarashinzwe imbere y'ukurwa kwa Satani, iyo nayo kwari ukurema ibiremwa bantu bisa nabo. Bari bakoreye hamwe mu kuremwa kw'isi hamwe n'ikintu kizima cose cari kuri yo. Hanyuma Imana ibwira Umwana wayo iti, “Tureme umuntu asa natwe.”IY 7.3

    Mu gihe Adamu yava mu biganza vy'Umuremyi wiwe, yari muremure vy'akaroruhore kandi impande zose z'umubiri wiwe zasa neza n'izo zihwanye. Imero yiwe yarangwa n'ubwiza kandi itagira agahonzi. Ibara ry'urukoba rwiwe ntiryari iryera kandi ntiryari iripfubiranye, ahubwo kari akabiri gasa n'ishurwe ry'iroza kandi gafise ugukayangana kw'amagara meza. Eva wewe ntabwo yari muremure kurugero rwa Adamu. Umutwe wiwe washika hejuru gato y'ibitugu vya Adamu. Nawe nyene, yari afise imero y'umubiri y'akaroruhore kandi isa mu buryo butagira agahonzi, kandi nziza cane.IY 7.4

    N'aho Imana yari yararemye ibintu bitagira agahonzi mu bwiza, isi yasa n'iyitabuze ikintu na kimwe kugira ngo Adamu na Eva banezererwe, yamara Imana yaraberetse urukundo rwayo ruhambaye mu kuba yarateye akarima kabo kabahariwe.IY 8.1

    Babwirizwa kumara umwanya wabo wo gukora igikorwa kiryoshe co gukorera uwo murima, uwundi mwanya nawo batemberana n'abamarayika, bumviriza inyigisho zabo, kandi biyumvira banezerewe. Igikorwa cabo nticari kiruhije mugabo cari giteye umunezero kandi giteye inkomezi. Uwo murima mwiza niwo wari kuba urugo rwabo.IY 8.2

    Muri uwo murima Uhoraho yashizemwo ibiti vy'ubwoko bwose kubw'ukuba ngirakamaro n'ubwiza.IY 8.3

    Hariho ibiti biremereye kubw'ivyamwa vyavyo vyiza, bimota neza, biryoheye ijisho, kandi bifise akanovera, ivyo navyo Imana yari yagenye ngo bibere ivyokurya uwo muryango wera. Hariho imizabibu iteye igomwe yakura igororotse, ipakiyeko ivyamwa. Cari igikorwa giteye umunezero kuri Adamu na Eva gusobanya amashami y'imizabibu bagakora imiheto myiza igenda ibonekesha ibitutu hasi, ivyo navyo vyatuma biba ibiryoheye ijisho biri kumwe n'ibiti birimwo ubuzima hamwe n'amababi yavyo biriko ivyamwa vyavyo.IY 8.4

    Isi yari ifutswe n'umusezero mwiza usa n'icatsi kibisi, mugihe ibihumbi vy'amashurwe amota neza y'ubwoko bwose n'amabara yose yugurukira impande ya Adamu na Eva mu buryo butandukanye burenze igiharuro. Ikintu akanovera. Hagati muri iryo tongo hari hahagaze igiti c'ubugingo, ubwiza bwaco bwari ubuhambaye gusamba ibindi biti vyose. Ivyamwa vyaco vyari ivyo kubatera kwamaho ibihe vyose. Amababi yaco yarimwo imero yo gukiza.IY 8.5

    Adamu na Eva muri Edeni-Uwo muryango wera ugizwe na babiri wari uhimbawe cane muri Edeni. Imana yabaha kugaba no kuganza ibintu vyose bizima. Intare hamwe n'umwagazi w'intama vyarakina mu mahoro kandi bitagiriranira nabi iruhande yabo canke bikaryama kubirenge vyabo. Inyoni z'amabara yose n'ubwoko bwose bw'amababa zaragurukaguruka hagati y'ibiti n'amashurwe bikikuje Adamu na Eva, mu gihe akaziki gaherekejwe n'ubwitonzi kasamirana mu biti kagizwe n'amajwi agiriye ku rutonde rwiza baririmba amashimwe ku Muremyi wabo.IY 9.1

    Adamu na Eva barajanwa n'ubwiza bw'umuhana wabo wo muri Edeni. Baranezerezwa n'utunyoni duto twaririmbira iruhande yabo, utwo natwo tukaba twambaye amababa akayangana kandi yuzuye Ubuntu, ivyo vyose bikagaragaza ubwiza bwatwo, n'umuziki uryoshe. Uwo muryango wera warifatanya natwo hanyuma ugaheza ugashira amajwi hejuru mu ndirimbo zijanye z'urukundo, amashimwe, hamwe no guhimbaza Data n'Umwana kubw'ibimenyamenya vy'urukundo vyari bibakikuje. Barabona urutonde n'ukutavuguruzanya kw'ivyaremwe, ivyo navyo bikerekana ubushishozi n'ubumenyi vyari ibitagira Iherezo. Bama na ntaryo bavumbura ubwiza bushasha hamwe n'ukuninahara kwari mu muhana wabo Edeni, ivyo navyo bikuzuza imitima yabo urukundo rwimbitse bikongera bikazana kuminwa yabo amashimwe hamwe n'icubahiro k'Umuremyi wabo.IY 9.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents