Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane c'lndwi: Umubohozi

    Igihe carageze aho Yesu yabwirizwa kwiyambika imero y'umuntu, agaca bugufi nk'umuntu, hanyuma agahura n'ibigeragezo vya Satani.IY 54.1

    Yavutse ata bukuru bw'isi afise, mu kiraro c'inka no mu bwato bw'inka niho bamuryamitse. Yamara mw'ivuka ryiwe yahawe iteka riri kure n'iyo mu gusumba uwundi muntu wese. Abamarayika bava mw'ijuru baramenyesheje ko Yesu yashitse, hanyuma umuco n'ubwiza bivuye ku Mana vyaraherekeje iyo ntahe yabo. Ingabo zo mw'ijuru zarakoze ku mirya y'inanga zayo maze zihimbaza Imana. Mu buryo bw'intsinzi bari baraririye ukuza kw'Umwana w'lmana kw'isi yaguye kugira ngo ashike ku gikorwa co gucungura, maze biciye mu rupfu rwiwe azane amahoro, umunezero hamwe n'ubugingo budashira ku muntu. Imana yateye iteka umuzo w'Umwana wayo. Abamarayika baramuninahaje.IY 54.2

    Ukubatizwa kwa Yesu-Haciye nk'imyaka mirongo itatu, abamarayika b'lmana batambatamba hejuru y'ahariko harabera umubatizo. Mpwemu Yera yururuka afise ishusho nk'iy'inuma maze amurwako, kandi mu gihe abantu bari batangaye cane, amaso yihutira kuri we, bumva ijwi rivuye mw'ijuru, rivuga riti, “Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.” Mariko 1:11.IY 54.3

    Yohana ntiyari azi neza ko ari Umukiza yaje kubatizwa nawe mu ruzi Yorodani. Mugabo Imana yari yaramusezeraniye ikimenyetso azomenyerako Umwagazi w'lntama w'lmana. Yohana amenya ico kimenyetso abonye inuma ije ikagwa kuri Yesu maze ubwiza buvuye ku Mana bukamukayanganirako. Yohana aca aramvura ukuboko, akwerekeje kuri Yesu, n'ijwi rirenga arasemerera ati, “Ehe! Ng'uyu Umwagazi w'lntama w'lmana akuraho icaha c'abari mw'isi!” Yohana 1:29.IY 54.4

    Igikorwa ca Yohana-Yohana amenyesha abigishwa biwe ko Yesu ari we wa Mesiya yari yarasezeranywe, Umukiza w'isi. Mu gihe igikorwa ca Yohana cariko kirarangira mw'isi, yigishije abigishwa biwe guhanga amaso Yesu no kumukurikira nk'Umwigisha Mukuru. Ubuzima bwa Yohana bwari ubuzima bwuzuye umubabaro no kwiyanka. Yatangaje ukuza kwa mbere kwa Kristo mugabo ntiyemerewe kwibonera ibitangaza vyiwe hamwe no kunezerererwa ubushobozi yerekanye. Igihe Yesu yatangura igikorwa nk'umwigisha, Yohana yari azi ko we abwirizwa gupfa. Ijwi ryiwe ryumvikanye gake, kiretse mu bugaragwa. Ubuzima bwiwe bwari ubw'ubunyakamwe. Ntiyigeze yisunga umuryango wa se, kugira ngo anezerererwe abantu b'iwabo, ahubwo yarabasize kugira ngo akore igikorwa yari yaragenewe. Amasinzi y'abantu barava mu bisagara no mu mitumba biguma biri mu bikorwa, bagakoranira mu bugaragwa kugira ngo bumve amajambo y'umuvugishwa w'umunyenkomezi. Yarakarira icaha, adatinya inkurikizi, ategura inzira y'Umwagazi w'intama w'lmana.IY 55.1

    Herodi yarabuze amahoro igihe yariko arumviriza intahe yuzuye inkomezi ya Yohana, maze abishashaye cane abaza ico yokora kugira ngo abe umwigishwa wiwe. Yohana yari azi ko Herodi yiteguye kurongora umugore wa mwenewabo mu gihe umugabo wiwe akiriho, nawe aca abwira Herodi ata kurya umunwa ko bitabereye. Herodi ntiyari yipfuza kugira ico aheba. Arongora umugore wa mwene wabo maze, abitewe n'uwo mugore, afata Yohana araheza amushira mw'ibohero, afise intumbero, mugabo, yo kumurekura. Igihe Yohana yari afungiweyo, biciye mu bigishwa biwe yumva ivy'ibikorwa vy'inkomezi vya Yesu. Ntiyashobora kujayo ngo yumvirize amajambo yiwe yuzuye Ubuntu, mugabo abigishwa biwe baramumenyesheje bongera baramwiganira ivyo bari bumvise. Bidatevye Yohana acibwa umutwe, bitewe n'umugore wa Herode. Abigishwa baciye bugufi kurusha abandi bakurikiye Yesu, baruta Yohana Umubatizi (Raba Matayo 11:11); ivyo bisigura ko, bari bashizwe hejuru kurusha kandi batewe iteka, vyongeye bakaronka umunezero urushirije mu buzima bwabo.IY 55.2

    Yohana yaje mu mpwemu ya Eliya kwamamaza umuzo wa mberewa Yesu. Luka 1:17. Yohana yagereranya abantu bo mu misi ya nyuma bazogenda mu mwpemu no mu bushobozi vya Eliya kwamamaza umusi w'uburake hamwe n'ukuza kwa kabiri kwa Yesu.IY 56.1

    Ukugeragezwa-lnyuma y'umubatizo wa Yesu muri Yorodani, yajanywe na Mpwemu mu bugaragwa, kugira ngo ageragezwe na Satani. Mpwemu Yera yari yamuteguriye ico kirere co kugeragezwa vy'akamarampaka. Imisi mirongo ine ageragezwa na Satani, kandi mur'iyo misi ntaco yatamiye. Ibintu vyose iruhande yiwe vyari ibidahimbaye, ivyo kamere ya kimuntu yokwipfuza guhunga. Yari kumwe n'ibikoko vyo mw'ishamba hamwe n'umurwanizi mu kibanza c'ubweranyange kandi mu bunyakamwe. Umwana w'lmana yari yiraburaniwe kandi yijiriwe, biciye mu kwisonzesha hamwe n'umubabaro. Mugabo inzira yiwe yose yari ayibona, kandi yabwirizwa gushitsa igikorwa camuzanye.IY 56.2

    Satani yafatiye kur'uwo mubabaro w'Umwana w'lmana maze ategura kumuhohotera akoresheje ibigeragezo, yizeye ko yomutsinda kuko yicishije bugufi nk'umuntu. Satani yaje azanye iki kigeragezo: “Ni waba uri Umwana w'lmana, bwira iri buye ricike umutsima. Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng'Umuntu ntatungwa n'umutsima gusa.” Luka4:3,4.IY 56.3

    Satani yagomba guharira na Yesu kubijanye n'uko ar'Umwana w'lmana. Yisunze ukuba yari mu mubabaro, afise intege nke z'umubiri hanyuma aca yemeza yuzuye ubwishime ko asumba inkomezi Yesu. Mugabo intahe y'lmana ivuye mw'ijuru, “Uri Umwana wanje nkunda akampimbara” (Luka 3:22), yari ihagije kugira ngo ishigikire Yesu mu mibabaro yiwe yose. Kristo ntivyari ngombwa ko yemeza Satani ivy'ubushobozi bwiwe canke ko ari Umucunguzi w'isi. Satani arafise ibimenyamenya bitomoye vy'ijunja hamwe n'ububasha bw'Umwana w'lmana. Ukudashaka kwiwe kwiyegurira musi y'ubutware bwa Kristo kwari kwamwirukaniye hanze y'ijuru.IY 56.4

    Kugira ngo yerekane ububasha bwiwe, satani yajanye Yesu I Yerusalemu hanyuma amutereka ku gasongero k'ingoro, aho arahamugeragereza kugira ngo amuhe ibimenyamenya ko ari Umwana w'lmana mu kwiterera hasi avuye ku burebure umuntu aravye hasi yumva azunguriwe. Satani aza afise amajambo yahumetswe yo muri Bibiliya: “kuko vyanditswe ngo Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame: kandi ngo bazokuramira mu maboko yabo, ngo kumbure ntutsitare kw'ibuye. Yesu aramwishura, ati Vyanditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.” Luka 4:10-12.IY 57.1

    Satani yagomba ko Yesu yisaba imbabazi za Data hanyuma ashire ahamanuka ubuzima bwiwe imbere y'ugushitsa icari caramuzanye. Yari yizeye ko umugambi w'agakiza woca uburizwamwo, mugabo uwo mugambi wari aharengeye aho Satani yoshika ku buryo atashobora kuwushikira kugira awutembagaze canke awonone.IY 57.2

    Kristo ni akarorero kuba Kristo bose. lyo bari mu bigeragezo canke uburenganzira bwabo bwakengerewe, bakwiye kuvyihanganira. Ntibakwiye kwumva ko bafise uburenganzira bwo guhamagara Uhoraho ngo yerekane ubushobozi bwiwe kugira ngo baronke intsinzi ku bansi babo, kiretse Imana ishobora kuhaherwa iteka no gushirwa hejuru mu kubikora. lyaba Yesu yaritibuye avuye ku gasongero k'urusengero, ntibiba vyarahesheje icubahiro Data, kuko nta n'umwe yari kuba yarabonye igikorwa atari Satani n'abamarayika b'lmana. Kandi vyari kuba kugerageza Uhoraho kwerekana ubushobozi bwiwe ku mwansi mubi gusumba abandi. Kwari ukugamburukira uwo Yesu yaje kunesha.IY 57.3

    “Aramudugana, amwereka ubwami bwose bwo mw'isi mu kanya gato. Umurwanizi aramubwira, ati Ndaguha ububasha bwose n'ubwiza bwabwo, kuko jewe nabuhawe, kandi mbuha uwo ngomba wese: nuko niwamfukamira, ukansenga, ubwo bwose buraba ubwawe.IY 58.1

    “Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ngo Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.” Luka 4:5-8.IY 58.2

    Satani yeretse Yesu ubwami bwo kw'isi mu muco ukwegakwega amaso kurusha uko bisanzwe. lyo Yesu aza kumusenga ubwo nyene, yari yemeye guca aheba kwemeza ko isi ari rwiwe. Nimba umugambi w'agakiza wariko uraja mu ngiro kandi Yesu akaba akwiye gupfa kugira ngo acungure abanyavyaha, Satani yari azi ko ububasha bwiwe bwite buzogira ikikubuza gushika aho busanzwe bugera maze impera n'imperuka akabwakwa, hanyuma akarandurwa. Gurtyo rero yari yatetse umutwe, ko bishobotse, yobuza Yesu kunonosora igikorwa gihambaye yari yatanguye. Nimba umugambi w'lmana wari kuneshwa, Satani yari kugumana ubwami yamye aburana. Yihenze ngo azoganza abangikanye n'lmana yo mw'ijuru.IY 58.3

    Umugerageji akankamirwa-Satani yarahimbawe aho Yesu yashira ku ruhande ububasha bwiwe n'icubahiro maze akava mw'ijuru. Yibaza ko ivyo bishize Umwana musi y'ububasha bwiwe. Ikigeragezo caroroshe gufata wa mu ryango w'abavyeyi bacu bambere bera bari muri Edeni ku buryo yizera ko akoresheje ububasha bwiwe nka Satani hamwe n'amayeri ashobora no gutembagaza n'Umwana w'lmana, hanyuma rero agaheza agacungura agatwe kiwe hamwe n'ubwami bwiwe. lyo aza gushobora kugerageza Yesu ngo ave mu bugombe bwa Data, yari gushobora no gushika ku ntumbero yiwe. Mugabo Yesu yahuje ubwayi n'umugerageji amukankamira ati: “Herera inyuma yanje, Satani!” Yabwirizwa gufukamira Se gusa.IY 58.4

    Satani yemeza ko ubwami bwo kw'isi ari ubwiwe maze agasaba Yesu ko yokwepa umubabaro, kugira ngo ntarinde gupfa kugira ngo aronke ubwami bwo kuri iyi si. Nka hamwe yomusenga gusa, yoca aronka ubutunzi bwose bwo kw'isi hamwe n'icubahiro kiva ku kubuganza. Mugabo Yesu ntiyatirimutse. Yari azi ko igihe kigiye kuza aho, biciye ku kiguzi c'amaraso yiwe, agiye gucungura ivyo vyose abikuye mu minwe ya Satani, kandi ko inyuma y'aho, inyuma y'ikiringo runaka, ijuru ryose n'isi bizoba musi yiwe. Yahisemwo ubuzima bwiwe bw'imibabaro hamwe n'urupfu rwiwe ruteye ubwoba nk'inzira yo kuba samuragwa aciye mu nzira yemewe y'ubwami bwo mw'isi no kubuhabwa mu biganza ngo abuganze ibihe vyose. Satani nawe azoshirwa mu biganza vyiwe kugira ngo arandurwe biciye mu rupfu, kugira ngo ntaze asubire guhagarika umutima Yesu canke abacunguwe biwe mu bwiza.IY 59.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents