Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane c'umunani: ikimazi c'inkuka

    Uguhemukirwa Kwa Kristo

    Satani yari yarahenze Yuda maze amushikana ku kwiyumvira ko ari umwe mu bigishwa ba Yesu b'ukuri, mugabo umutima wiwe wama na ntaryo ar'uw'umubiri. Yari yarabonye ibikorwa vy'inkomezi vya Yesu, yari yarabanye nawe mu gikorwa ciwe, kandi yari yaremeye ata gisigaye inyuma ibimenyamenya bijanye n'ubushobozi bw'ikirenga bw'uko yari Mesiya, mugabo Yuda yari umunyenzingo kandi yipfuza. Yarakunda amahera. Yaridoze ababaye ku mavuta y'igiciro Mariya yasutse kuri Yesu.IY 65.1

    Mariya yarakunda Umwami wiwe. Yari yahariye ivyaha vyiwe, ivyo navyo bikaba vyari vyinshi, maze azura mu bapfuye musaza wiwe yakunda kandi akumva ata kintu na kimwe cari gifise agaciro nko gusuka kuri Yesu. Ayo mavuta y'agaciro kanini cane, uburyo bwiza kurusha ubundi yari kwerekana umutima wo gushima Umukiza wiwe kwari ukuyamuhebera.IY 65.2

    Nk'urwitwazo, Yuda yashikirije ko ayo mavuta yari kugurishwa hanyuma bagahereza aboro. Mugabo ntikwari kubera ko yari afitiye umwitwarariko na muke aboro. Yarikunda, kandi kenshi yama asotora kuvyo yabikijwe, ku nyungu ziwe, amahera yahariwe aboro. Igikorwa ca Mariya cerekana umutima wo gutanga yari ugukankamirwa gukarishe gusumba ukundi kwa kamere yiwe yo kwipfuza. Ivyo rero vyateguye inzira ikigeragezo ca Satani cocamwo kigasanga cisanze mu mutima wa Yuda.IY 65.3

    Abaherezi hamwe n'abakuru b'abayuda baranka Yesu, mugabo amasinzi y'ibihumbi n'ibihunguruka vyaraja aho ari kugira vyumvirize amajambo yiwe y'ubwenge no kwibonera ibikorwa vyiwe vy'inkomezi. Abo bantu barabuzwa amahoro n'umwitwarariko w'abantu hamwe n'ingene bakurikirana babikunze Yesu ngo bumve ivyo uwo Mwigisha w'igitangaza yavuga. Benshi mu bakuru baramwizeye, mugabo ntibubahuka kwatura ukwizera kwabo kubwo gutinya gusohorwa mw'isinagogi. Abaherezi n'abakuru bafata ingingo ko habwirizwa kugira ikintu gikorwa kugira abantu bave kuri Yesu. Baratinya ko abantu bose bohava bamwizera. Ntibibonamwo umutekano wabo ubwabo. Babwirizwa guhitamwo gutakaza ibiti vyabo canke kwica Yesu. Kandi inyuma yo kumwica, hakagumaho ivyibutso bizima vy'ububasha bwiwe.IY 65.4

    Yesu yari yazuye Lazaro mu bapfuye, kandi batinya ko nimba ari ngombwa ngo bice Yesu, Lazaro azohava ashinga intahe ivy'ububasha bwiwe buhambaye. Abantu baguma baza ku bwinshi kuraba uwo mugabo yazuwe mu bapfuye, gurtyo rero abakuru bari bamaze gufata ingingo itisubirako yo kwica na Lazaro nawe babe bagabanije uwo mushuhira. Hanyuma bagaheza bagahindukiriza abantu ku migenzo n'inyigisho z'abantu, ngo batange ikigiracumi ca anisi na kumino, maze basubire babagireko ubwaku. Baca bemeranya ko bahagarika Yesu ari wenyene, kuko iyo baza kugerageza kumufatira mu bantu benshi igihe ubwenge bw'abantu bumuriko, bari kubatera amabuye.IY 66.1

    Yuda yari azi ingene bahagaritswe umutima n'ingene boronka Yesu, aca rero aremera kumugurisha kubakuru b'abaherezi hamwe n'abaganza kubw'intete nkeya z'ifeza. Urukundo rwiwe rw'amahera rwamushikanye kwemera guhemukira Umwami wiwe akamugurisha mu biganza vy'abansi bamwanka bimwe vy'umururazi uhanitse. Satani yariko arakorera ikibiriraho muri Yuda, kandi hagati y'ibirori vy'agakura vy'isangira ryanyuma mw'ijoro umuguranyi yariko arateka imitwe y'ingene yogurisha Umwigisha wiwe. Yesu mu mubabaro mwinshi yarabwiye abigishwa biwe ko bose ivyiwe bihava bibatsitaza iryo ryoro. Mugabo Petero aremeza yivuye inyuma ko n'aho abandi bose bashora gutsitara ku bwiwe, ko wewe adatsitara. Yesu arabwira Petero ati, “Satani yabasavye ngo abagosore nk'ingano; ariko wewe nagusengeye ng'ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz'uremeshe bagenzi bawe.” Luka 22:31,32.IY 66.2

    Mu gashamba-Yesu yari mu gashamba ka Getsemane ari kumwe n'abigishwa. Afise umubabaro mwinshi cane abasaba ngo babe maso kandi basenge, kugira ngo ntibaje mu mosha mabi. Var'azi ko ukwizera kwabo ari itegeko ko kugeragezwa kandi ivyo bari biteze babonye bitabaye uko bari bavyiteze barwa mu kantu, kandi ko baza gukenera inkomezi zose bashobora kuronka biciye mu kuba maso cane hamwe no gusenga bishimitse. Ariko ararira abogoza, Vesu yarasenze, ati: “Data, nimba biguhimbaye, kura iki gikombe kindengane; ariko ntibibe uko jewe ngomba, ahubwo bibe uko wewe ugomba.” Luka 22:42. Umwana w'lmana yarasenganye umubabaro. Ibitonyanga binini vy'amaraso bikoranira mu maso hiwe hanyuma bigakorokera hasi. Abamarayika bariko baratambatamba muri ico kibanza babona uko bigenda, mugabo umwe gusa niwe yahawe igikorwa co kugenda gukomeza Umwana w'lmana mu mubabaro wiwe.IY 67.1

    Inyuma y'aho Yesu ahejeje gusenge aza aho abigishwa biwe bari, mugabo asanga barasinziriye. Muri iyo saha iteye ubwoba ntiyaronse indemesho mbere n'amasengesho n'ay'abigishwa biwe. Petero, yari umunyamwete akarishe imbere y'aho gato, yari aremerewe n'itiro. Yesu aramwibutsa amajambo meza yari yavuze maze aramubwira ati: “Mbega ntimurushe mubana nanje n'isaha n'imwe? Matayo 26:40. Umwana w'lmana yasenze gatatu yuzuye umubabaro.”IY 67.2

    Yuda ahemukira Yesu-Hanyuma Yuda araseruka ari kumwe n'akarwi kiwe k'abagabo bitwaje ibigwanisho. Yegera Yesu nk'uko bisanzwe ngo amuramutse. Abo bantu bitwaje ibigwanisho bakikuza Yesu, mugabo aca yerekana ubushobozi bwiwe bw'ubumana, igihe yavuga ati, “Muriko murondera nde?” “Ni jewe nyene.” Barwa bagaramye hasi. Yesu yabajije iki kibazo kugira ngo babone ubushobozi bwiwe kandi baronke ikimenyamenya ko yari gushobora kwikura mu maboko yabo iyo abishaka.IY 67.3

    Abigishwa batangura kwizigira babonye uwo murwi wari witwaje ubuhiri n'inkota bagwa n'ingoga nk'uko. Bahagurutse barasubira bakikuza Umwana w'lmana. Petero akura inkota mu rwubati maze akubita umusuku w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi. Yesu amutegeka gusubiza inkota murwubati, avuga ati, “Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandukira ubu nyene abamarayika basaga legiyoni cumi na zibiri?” Matayo 26:53. Imitima y'abigishwa nayo isoma nturi mu mwiheburo hamwe no kugwa mu kantu kwuzuye umururazi mu gihe Yesu yemera ubwiwe ko abansi bamujana.IY 68.1

    Abigishwa batinyira ubuzima bwabo, hanyuma bose baramuta, bariruka. Yesu asigara wenyene mu maboko y'abicanyi bagazwe. Mbega ukuntu Satani yari yatsinze! Mbega umubabaro n'ukwijirirwa vyari mu bamarayika b'lmana! Imigwi myinshi y'abamarayika bera, umwe wose uhagarikiwe n'umumarayika muremure abategeka, bararungitswe kuraba uko ibintu biriko biragenda. Bari bajejwe kwandika igitutsi cose hamwe n'ububisha vyakorerwa Umwana w'lmana, no gushira mu nyandiko ikintu cose caranze uguhagarika umutima Yesu yahuye naco, kuko abo bantu nyene bihurije hamwe mur'iryo bara bazosubira kubibona mu vyaranze ubuzima bwabo.IY 68.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents