Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Kubambwa Kwa Kristo

    Kristo, Umwana w'lmana w'agaciro, yaratanzwe hanyuma ashirwa mu maboko y'abantu ngo abambwe. Abigishwa hamwe n'abizera bava mu turere tuhazengurutse baragiye mw'ishengero ngo bakurikire Yesu gushika I Kaluvari. Nyina wa Yesu niho yari ari, ashigikiwe na Yohana, ya ntumwa yakundwa. Umutima wiwe wari wuzuye umubabaro utovugwa, yamara hamwe n'abigishwa biwe, yibaza ko ivyo bintu bibabaje biza guhinduka, hanyuma Yesu agahamagara ubushobozi bwiwe agaheza akaboneka imbere y'abansi biwe nk'Umwana w'lmana. Hanyuma kandi umutima wa nyina wiwe warasoma nturi yibutse amajambo yavuze asa n'uwubereka ivyariko biraba uwo musi.IY 74.4

    Yesu atararenga kw'irembo ry'inzu ya Pilato niho umusaraba wari wateguriwe Baraba wasohorwa hanyuma bamushira ku bitugu vyiwe bivirirana kandi vyatonaguwe. lyindi misaraba ishirwa kubitugu vy'abandi bagendana na Baraba, babwirizwa kwicirwa hamwe na Yesu. Umukiza yari amaze gutwara umutwaro wiwe ikirere gitoya aho, kubwo kuvirirana no kuruha bihanitse, aragwa aravye hasi.IY 75.1

    Yesu asubiye gutora ubwenge, wa musaraba basubira kuwumuremeka kubitugu, hanyuma baramuhinda ngw'aje imbere. Yarasunaguritse intambwe nkeya, yikoreye uwo mutwaro wiwe uremereye, hanyuma agwa hasi nk'umuntu atakigira ubugingo. Niho batangura kuvuga ubwa mbere ngo yapfuye, mugabo impera n'imperuka aruhira kwongera kugarura ubwenge. Abaherezi hamwe n'abakuru ntibiyumvisemwo ikibabarwe kubwiwe ariko arababazwa, ahubwo babonye ko bidakunda ko ashobora kwikorera igikoresho co ku muhasha kurenga ngaho. Mugihe bariko bariyumvira icokorwa, Simoni, Umunyakurene, yari aje azanana iyo bagiye, ahura nabo. Bitewe n'abaherezi baramufata hanyuma bamutegeka kwikorera umusaraba wa Kristo. Abahungu ba Simoni bari abigishwa ba Yesu, mugabo wewe ntiyari bwigere ahura nawe.IY 75.2

    Ishengero rinini rikurikira Umukiza gushika I Kaluvari. Benshi bariko baramushinyagurira bongera bamubingura, mugabo bamwe bariko bararira bongera basubiramwo ivyo kumushima. Abari barakijijwe ubwoko bwose bw'indwara hamwe n’abari barazuwe mu bapfuye baratura bashimitse ibikorwa vyiwe vy'inkomezi hanyuma bagasaba kumenya ico Yesu yakoze kugira ngo afatwe nk'inkozi y’ikibi. Hasigaye imisi mike imbere y'aho, bari bamuherekeje baririmba hoziyana kandi bazungagiza amashami y'ibigazi igihe yinjirana intsinzi I Yerusalemu. Mugabo benshi mubari bashize amajwi hejuru bamuninahaza kuko babona abandi bose arivyo bariko barakora ubu naho bariko bararwiza urwamo ruvuga ngo “Mubambe! Mubambe!”IY 75.3

    Aterwa imisumari ku musaraba-Bashitse aho bari bushire mu ngiro urubanza rwo gupfa, abaciriwe urubanza bari baboheye kubikoresho vyo guhana ruhasha. Mu gihe vya bisuma bibiri vyanigana mu minwe y'ababigororera mu biganza, Yesu ntabwo yigeze agwana. Nyina wa Yesu yaguma araba hejuru ababaye kandi yiteze kuraba igikurikira, yizeye ko ashobora gukora igitangaza ngo yikize. Arabona ko amaboko bayagororeye kumusaraba- yamaboko yakunda yama atanga imigisha kandi kenshi agakora kubantu ngo abakize imibabaro yabo. None rero ubu naho inyundo hamwe n'imisumari vyari bizanywe, mu gihe iyo misumari yaca mu mubiri woroshe hanyuma ukaboherwa ku musaraba, abigishwa basenyutse imitima baciye baterura umubiri wa nyina wa Kristo uriko uraraba bamukura aho iryo rango ririko rirabera.IY 76.1

    Yesu ntiyigeze yidoga na buhoro buhoro. Mu maso hiwe hagumye hiraburaniwe kandi hatekanye, mugabo ibitonyanga binini vy'icuya vyakorokana ku ngohe ziwe. Nta kuboko kw'ikigongwe kwariho ngo guhanagure ico kime c'urupfu mu maso hiwe, nta n'amajambo y'ikibabarwe hamwe n'umuntu adahindagurika yemanga guhoza umutima wiwe wa kimuntu. Yariko arahonyora ubwato bwo gukanya inzabibu wenyene; kandi mu bantu nta n'umwe yari kumwe nawe. Mu gihe abasirikare bariko bakora igikorwa cabo giteye ubwoba kandi akaba ariko ahangana n'umubabaro wo ku mpfiro uruta iyindi, Yesu yarasengeye abansi biwe ati: “Data, ubaharire; kuko batazi ico bakora.” Luka 23:34. Isengesho rya Kristo asengera abansi biwe ryafatiye hamwe isi yose, rifata umunyavyaha wese azobaho, gushika kumpera y'ibihe.IY 76.2

    Bamaze gutera imisumari Yesu kumusaraba, wakirijwe n'abagabo benshi b'abanyenkomezi kandi bakoresheje igikenye cinshi bawucumita mu kibanza cari cawuteguriwe, ivyo navyo vyateye umubabaro w'akaburarugero k'Umwana w'lmana. Hanyuma ayandi mahano arashika. Abaherezi hamwe n'abakuru, hamwe n'abanyabwenge b'ivyanditswe bibagirwa iteka ibikogwa bajejwe bifise hanyuma bifadikanya n'abandi bantu bato kumushinyagurira no gucemeta Umwana w'lmana, bagira bati, “Ni waba uri Umwami w'Abayuda, niwikize.” Luka 23:37. Hanyuma abandi baguma basubiramwo bamucokora hagati yabo bati, “Yakijije abandi; Mugabo ntashobora kwikiza.” Mariko 15:31. Abakuru bo mu rusengero, abasirikare bakomantajwe, umwambuzi mubi ari k'umusaraba, hamwe n'abandi bose n'inkozi z'ibibi mu zindi-bose bafatiniriza hamwe gukubagura Kristo.IY 77.1

    Abo bambuzi babambanywe na Yesu bababazwa co kimwe na we: mugabo umwe gusa niwe yari yakomantajwe kandi arihebura kandi yatewe kuba umugwanizi kubw'umubabaro. Asuburamwo ugushinyagura kw'abaherezi hanyuma acokora Yesu, agira ati, “Niwaba uri Umwana w'lmana, ni wikize hanyuma udukize natwe.” Luka 23:39. Uwundi yaciriwe urubanza rwo gupfa ntiyari umwambuzi akomantajwe. Yumvise ayo majambo abubuta ya mugenzi wiwe bafatanya mu mabi, “ariko uwa kabiri amwishura amuhana, ati, No kwubaha Imana ntuyubaha, kandi uciriwe urubanza rumwe n'urwiwe? Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n'ivyo twakoze: ariko uyu nta kibi yakoze.” Luka 23:40, 41. Hanyuma yugururira umutima wiwe Yesu, ukumurikirwa n'ijuru gusaba mu bwenge bwiwe. Mu gutonagurwa, gushinyagurirwa, hamwe no mu kwenena kumusaraba vya Yesu, abonamwo Umucunguzi wiwe, ivyizigiro vyiwe bimwe rudende, hanyuma aramusaba mu kwizera guciye bugufi; “Urahava uz'unyibuke Yesu, ah'uzozira mu bwami bwawe. Aramwishura, ati; Ndakubwire Ukuri, Uyu musi, u(zo)rabana nanje muri Paradiso.” Luka 23:42,43.IY 77.2

    Abamarayika bantangaye barabonye urukundo rudashira rwa Yesu, uwo nawe, mu gihe yariko arababazwa intimba itovugwa y'ubwenge n’umubiri, yiyumvira abandi gusa kandi agatera umwete abanyavyaha batihana ngo bizere. Mu gihe yariko aravamwo impwemu y'ubugingo ngo apfe, yarerekanye urukundo ku bantu bazimiye rusumba urupfu. Benshi bari biboneye ivyabereye i Kaluvari mu nyuma vyarabakomeje mu kwizera Kristo. Abansi ba Yesu bari barindiriye ko apfa bavyizigiye atari bo baza kubona apfuye. Bariyumvira ko urupfu rwiwe ruzoca ruzivya ibihuha vy'ubushobozi bwiwe bw'ubumana hamwe n'utwumiza tw'ibitangaza vyiwe. Bariyumvira ko batazoba bagisubira kujugumizwa n'ubwaku bwiwe. Abasirikare baheze ikinya bari bagororeye umubiri wa Yesu ku musaraba bagabanganye impuzu ziwe, baharira kumwambaro umwe, wari ukozwe utagira umubariro. Baca bafata ingingo yo kwikiranura mu gukora ubufindo bw’akamari. Uguhishurirwa kwari kwabivuze neza na neza nk'uko nyene imyaka amajana imbere y'uko biba: “Kuko imbwa zinkikije, umurwi w'inkozi z'ibibi wantaye hagati; bantoboye ibiganza n'ibirenge ... Bagabagura impuzu zanje, bapfindira umwambarowanje” Zaburi 22:16,18.IY 78.1

    Icigwa mu rukundo c'abavyeyi-Amaso ya Yesu yarazungurutse mw'ishengero ry'abantu bari bakoraniye kuraba urupfu rwiwe, hanyuma kubirenge vy'umusaraba abona Yohana afashe Mariya, nyina wa Kristo. Yari yagarutse aho ayo mahano yariko arabera, ntiyashoboye kuguma kure y’Umuhungu wiwe umwunya muremure. Icigwa ca nyuma ca Yesu cari ic'urukundo ku muvyeyi w'umuntu. Aritegereza mu maso ha nyina hakubiswe n’intuntu, hanyuma yitegereza Yohana. Arasubira araba nyina, aravuga ati, “Nyina wanje, nguyo umwana wawe! Maz'abarira wa mwigishwa ati Nguyo nyoko.” Yohana 19 :26, 27. Yohana yaratahuye neza amajambo ya Yesu hamwe n'ubwizigirwa yamushizemwo bwera. Ubwo nyene aca ajana nyina wa Kristo amukura ahariko harabera ayo marorerwa y'i Kaluvari. Kuva iyo saha aramwitwararika nk'uko umuhungu azi ic'ajejwe yokora, amujana imuhira iwe. Akarorero katagira amahinyu k'urukundo rwa kivukanyi karacakayangana hagati mu myaka yose. Mu gihe yariko arahashwa bikomeye ntiyibagiwe nyina wiwe, ahubwo yakoze ibibereye kuri kazoza kiwe.IY 78.2

    Igikorwa caKristo kw'isi cari hafi kurangira. Ururimi rwiwe rwumaganye, aravuga ati, “Ndanyotewe!” Buzuza igihuzu inkarisha na sipongo barayimuha ngo ayinywe; ayumvirije, arayanka. Aho rero Umukiza w'ubugingo yariko aracikana, ikimazi c'ubwoko muntu. Ni yo yari insobanuro y'icaha, kizana uburake bwa Data kuri we nk’umusubirizi wacu, niyo yatumye ico gikombe kiba ic'umururazi rwose, maze bisavya umutima w'Umwana w'lmana.IY 79.1

    Ibigabitanyo vy'umuntu vyaremetswe Kristo nk'umusubirizi wacu. Yaharuwe nk'uwugabitanya kugira ngo ashobore gucungura abagabitanya abacunguye umuvumo w'ivyagezwe. Icagiriji c'uwakomotse kuri Adamu wese yabayeho mu binjana vyose cariko kiraremera umutima wiwe. Uburake bw'lmana hamwe n'ukwiyerekana kubi kw'ukutanezererwa kwayo kubw'ivyaha vyujuje umutima w'Umwana wayo akumiro. Guhisha mu nyonga ha Data ahakura k'Umukiza mw'isaha y'umubabaro urengeye iyindi watobekeranije umutima wiwe n'umubabaro abana b'abantu badashobora gutahura mu buryo bwuzuye. Intimba yose Umwana w'lmana yihanganiye ku musaraba, ibitonyanga vy'amaraso vyava ku mutwe wiwe, mu biganza no ku maguru, gusambagirika kubw'umubabaro vyatwaye umubiri wiwe, hamwe n'intuntu itovugwa yuzuye umutima wiwe kubwo kunyegeza mu maso hiwe kwa Data, bivugana natwe, bitubwira biti, N'ukubera urukundo mwakunzwe rwatumye Umwana w'lmana yemeye guhura n'aya mabi yaremetswe. Ku bwanyu yanyaze ahari urupfu hanyuma yugurura imiryango y'i Paradiso hamwe n'ubuzima bwo kudapfa. Wa wundi yacecekesheje imipfunda yashavuye kubw'amajambo yiwe akagenda ku musego watewe n'ifuro, yateye abadayimoni guhinda umushitsi hamwe n'indwara guhunga kubwo gukorako kwiwe, yitanze ku musaraba nk'impongano yanyuma y'abanyavyaha. We nyene, uwikoreye icaha, ahangana n'igihano c'ukugabitanya hanyuma agahinduka icaha ubwaco ku bwacu.IY 79.2

    Satani yateje umutima wa Yesu ibigeragezo. Icaha, co kwankwa ku maso, carundanijwe kuri we gushika aho yanishe ari musi y'umurengera w'ibiro. Ntibitangaje rero ko aban tu bahinze umushitsi mur'iyo saha iteye ubwoba. Abamarayika batangaye bumiwe kubw'umubabaro w'umwiheburo w'Umwana w'lmana, wasumba umubabaro wiwe wo mu buryo bw'umubiri uwo nawo akaba yawumvise buhoro mu nyuma. Ingabo zo mw'ijuru zaratwikiriye mu maso hazo ngo ntizirabe ivyo bintu biteye ubwoba.IY 80.1

    Ibidukikije bitagira ubuzima vyarerekanye akababaro kubw'Uwabiremye ariko atukwa kandi yicwa. Izuba ryaranse kuraba ayo marorerwa. Imishwarara yaryo yuzuye kandi ikayangana yariko irakira isi isaha zitandatu ku murango, aho bukwi na bukwi yasa n'iyihanaguwe. Umwijima w'ijana kw'ijana utwikira umusaraba hamwe n'ahawukikuje hose nk'aho ari ibirori vy'ugushingura. Umwijima wamaze amasaha atatu. Kw'isaha y'icenda umwijima mubi uva ku bantu, mugabo wari ugitwikiriye Umukiza nko mu gihuzu. Imituragaro yashavuye yasa n'iyimurundaniyeko amanitswe ku musaraba. Hanyuma “Yesu asemerera n'ijwi rirenga, ati, ‘Eloi, Eloi, lama sabachtani?’ Bisobanurwa ngo, ‘Mana yanje, Mana yanje, N'iki kikumpebesheje?”‘ Mariko 15:34.IY 80.2

    Birarangiye-Mu gacerere abantu baritegereje Iherezo ry'ayon marorerwa. Hanyuma izuba rirasubira rirarasa, mugabo umusaraba utwikiriwe n'umwijima. Bukwi na bukwi ukwijirirwa kuva ku musaraba, kandi mu mudiho w'inzaba utomoye wasa n'uwuriko usubiramwo mu vyaremwe, Yesu arasemerera ati, “Birarangiye!'‘ “Data, ‘mu biganza vyawe niho nshize ubugingo bwanje’” Luka 23:46. Umuco uratwikira umusaraba, hanyuma mu maso h'Umukiza harakayangana n'ubwiza nk'izuba. Ajondamika umutwe mu gikiriza ciwe maze arapfa.IY 81.1

    Mu gihe Kristo yapfa, hariho abaherezi bariko barakorera mu rusengero imbere y'igihuzu gikingiriye ahera cane. Ubwo nyene bumva isi itigita musi yabo, igihuzu gikingiriye ahera cane, gitantamukamwo kubiri kuva hasi ugashika hejuru gitabuwe na ca kiganza kitagira amaraso canditse amajambo y'umuhamyo ku mpome z'ikirimba ca Belushaza.IY 81.2

    Yesu ntiyavuyemwo umwuka kugeza arangije igikorwa yari yaje gukora, hanyuma acikana mu mpwemu ziwe zanyuma aratangaza ati, “Birarangiye!” Abamarayika barahimbawe no kwumva ayo majambo, kuko wa mugambi ukomeye w'agakiza wariko urashika ku ntsinzi. Haba umunezero mw'ijuru kubona ko guhera ubwo, biciye mu buzima bwo kugamburuka, abana ba Adamu bashobora gushirwa hejuru aho Imana iri. Satani aratsindwa. Aca amenya ko ubwami bwiwe butakaye.IY 81.3

    Guhambwa-Yohana yari mu kangaratete no kwibaza uko aza kugenza ikiziga c'Umwami wiwe yakunda. Mu gukubitiza agatima mpembero ingene aza gutwarwa n'abasirikare batagira ikinya kandi b'inkozi z'ikibi hanyuma bakamuhamba mu kibanza ata gateka. Yar'azi ko adashobora gutoneshwa n'abakuru b'Abayuda, kandi yizigira buhoro ko yogira ico atora kwa Pilato. Mugabo Yosefu na Nikodemu baza kumutabara. Bompi uko ari babiri bari mu banyekombe kandi bari bazi Pilato. Bose bari abatunzi kandi bamenyekana. Bafata ingingo itisubirako yo ko ikiziga ca Yesu gikwiye guhambanwa iteka.IY 81.4

    Yosefu aragenda ata bwoba kwa Pilato hanyuma aramusaba umubiri wa Yesu kugira ngo bawuhambe. Pilato atanga itegeko icese ko ikiziga ca Yesu gihabwa Yosefu. Mu gihe intumwa Yohana yari ihagaritse umutima kandi ibujijwe amahoro n'ibisigarira vy'uwo Mwigisha agororoka, Yosefu w’i Arimataya, agaruka afise uruhusha ruvuye kur'uwo mutware, Nikodemu nawe, yaza yateguye ibiza kuva mu kiganiro hagati ya Yosefu na Pilato, aza afise ikivange c'imibavu na alowe, bipima nka pounds ijana. Umuntu w'umunyacubahiro kurusha abandi muri Yerusalemu ntiyari gushobora guhabwa iteka nk'iryo.IY 82.1

    Buhoro buhoro kandi mu cubahiro, n'amaboko yabo bwite bakura ikiziga ca Yesu kuri ca gikoresho co guhana ruhasha, amosozi yabo yuzuye ikibabarwe akoroka uko batera bamwitegereza uko yatonaguwe kandi yashishaguwe, hanyuma baramwoza buke buke maze baramuhanagura amaraso. Yosefu yari afise imva ikiri nsasha, yubatswe mu mabuye, iyo yari yaribikiye. Yari yegereye i Kaluvari, aca rero ategurira urwo ruhafu Yesu. Ikiziga, hamwe n'ibimota neza Nikodemu yari yazanye, bizingirwa hamwe mu mpuzu zera, hanyuma abo bigishwa batatu batwara uwo mutwaro wabo w'agaciro kur'urwo ruhafu rushasha, iyo ata muntu n'umwe yari bwigere aruhambwamwo. Baragorora ibihimba vyiwe vyari vyatanyaguwe hanyuma barazinga vya biganza kugikiriza kitakirimwo impwemu. Abagore bava i Galilaya baregera kugira ngo barabe ibiriko birakorwa vyose kur*uwo mubiri utakigira ubuzima w'umwigisha wabo bakunda. Hanyuma babona ingene ikibuye kiremereye gishizwe kumva yiwe kw'irembo ry'uruhafu, uko niko Umwana w'lmana yashinguwe ngo aruhuke. Abo bagore nibo basigaye ubwa nyuma ku musaraba, kandi nibi babaye abanyuma kumva ya Kristo.IY 82.2

    N'aho abategetsi b'Abayuda bari bashize mu ngiro umugambi wabo uvuye kuri satani wo kwica Yesu Umwana w'lmana, ukwumva batorohewe ntivyabahezemwo, mbere n'ishari ryabo ntiryari ryapfuye. Bavanze umunezero wo kwumva bihoye vyagiye mu ngiro, biyumvamwo ubwoba bwamaho ko umubiri wiwe wapfuye, uryamye mumva kwa Yosefu, ushobora kuzuka ugasubirana ubugingo. Rero “Bukeye bwaho, ni wo musi wakwirikira uwo Kwitegura, abaherezi bakuru n'abafarisayo bakoranira kwa Pilato, baramubwira, bati, Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngo imisi itatu ishize azozuka. Nuko n'ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngo abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye ; maz'ubuhumvyi bwa nyuma bworuta ubwa mbere.” Matayo 27 :62-64. Pilato na we nyene ntiyashaka ko Yesu azukana ubushobozi co kimwe n'Abayuda kugira ngo ahane amakosa y'abamuranduye, ni kwo rero gushira umugwi w'abasirikare b'Abaromani abitegetswe n'abaherezi.IY 83.1

    Abayuda bagira inyungu yo gushira abarinzi ahazengurutse imva ya Yesu. Bashira ikidomesho kuri ca kibuye cari cugaranye imva ya Yesu kugira ngo ntibigorane kuyimenya, gurtyo bari bakoze ibishoboka vyose ngo ntihagire uwitiranya aho ikiziga ca Yesu kiri. Mugabo imigambi yabo yose hamwe n'ukwigengesera yatumye ahubwo intsinzi yo kuzuka iba iyuzuye koko no gutuma ukuri kwakwo kuba ukurushirizaho kwuzura.IY 83.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents