Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ibanga Ry'umugararizo

    Mw'ikete ryiwe rigira kabiri yandikiye ab'l Tesalonike, intumwa Pawulo yavuze bitaraba ivy'umugararizo uhambaye uzova mw'ishingwa ry'ubupapa. Yatangaje ko umusi wa Kristo utazoza “kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w'umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka, umurwanizi yishira hejuru y'icitwa Imana cose n'igisengwa; nuko azokwicara mu rusengero rw'lmana, yiyerekana ngo n'lmana.” Kandi ikigeretseko, iyo ntumwa iragabisha abizera bagenzi bayo ko “ibanga ry'umugararizo n'ubu ririko rirakora, mugabo har'ubibuza none, gushitsa igihe azokurwaho.” 2 ab'l Tesalonike 2:3,4,7. Mbere mu gihe ca kera yarabonye, yinyegeteza mw'ishengero, amakosa azotegura iterambere ry'ubupapa.IY 103.1

    Buhoro buhoro, ryinumiye kandi rihoze hanyuma mu buryo bwugurutse uko ryatera rikura mu nkomezi no kuronka ububasha bwo kuganza ubwenge bw'umuntu, ibanga ry'umugararizo zarateje imbere igikorwa caryo c'ukuzimiza hamwe no kurogota. Hafi nk'aho ata n'umwe abona imigenzo ya gipagani yarinjiye mw'ishengero rya Kristo. Impwemu yo kwimikiranya hamwe no kwishushanya yari igifatiriwe n'agahamo gakomeye ishengero ryahuye nako musi y'ubupagani. Mugabo aho agahamo gahereye, hanyuma ubukristo bukinjira mu ngo no mu birimba vy'abami, bwashize kuruhande kwa kujana n'ivyoroheje kwa Kristo hamwe n'abigishwa biwe haca haja ukwisakara ibintu hamwe n'ubwishime bw'abaherezi n'abakuru ba gipagani, hanyuma mu gishingo c'ivyo Imana isaba busubirizamwo ivyiyumviro hamwe n'imigenzo vy'abantu. Kwa guhinduka kw'izina kwa Constantino mu gice ca mbere c'ikinjana ca kane kwazanye umunezero uhambaye, kandi isi, yambaye impuzu z'ubugororotsi, irinjira mw'ishengero. Ubwo rero igikorwa co kwonona caciye gikura n'ingoga. Ubupagani, mu gihe bwasa n'ubutsinzwe, bwari bunesheje. Impwemu yabwo yaciye iganza ishengero. Inyigisho zabwo, imigirwa, hamwe n'ibintazi vyaciye vyinjizwa mukwizera hamwe no gusenga vy'abavuga ko bakurikira Kristo.IY 103.2

    Ukwo kwivanga hagati y'ubupagani n'ubukristo kwashitse kugutera imbere kwa wa muntu w'umugarariji yari yarahanuwe nk'uwugwana n'uwishira hejuru y'lmana.IY 104.1

    Urwo rutonde rutura rw'idini rya gipagani ni igikoresho nyamukuru c'ububasha bwa Satani_urwibutso rw'utwigoro twiwe two kwiyicarika ku ntebe y'lmana ngo aganze isi yisunze ubugombe bwiwe.IY 104.2

    N'imwe mu nyigisho ziri imbere y'izindi z'Uburomani ko papa ari we mutwe uboneshwa amaso w'ishengero rya Kristo riri kw'isi yose, yahawe ububasha burengeye vyose hejuru y'abasenyeri n'abungere mu bice vyose vy'isi. Ibirenze kur'ibi, papa yihaye amazina n'ijunja ry'lmana.IY 104.3

    Satani yar'azi neza ko Ivyanditswe Vyera bizoshoboza abantu gutandukanya ubuhendanyi bwiwe hamwe no guhangana n'ububasha bwiwe. Biciye mw'ljambo ryiwe Umukiza w'isi nawe nyene yaratsinze ibitero vyiwe. Ku gitero cose Kristo yerekanye inkinzo y'ukuri kw'ibihe vyose, agira ati, “Vyanditswe ngo.” Kukintu cose umwansi yamuteje yakoresheje ubushishozi hamwe n'ubushobozi bw'ljambo. Kugira ngo Satani agumane ubwaku bwiwe kubantu no gushinga ububasha bwa papa, yategerezwa kubagumiza mu butamenya bw'ljambo. Bibiliya itera abantu gushira hejuru Imana no gushira abantu bafise Iherezo aho babwirizwa kuba koko. Kubera iyo mpamvu, Ukuri kwayo kwera kubwirizwa kunyegezwa no gukurwaho. Ubwo buryo bwo kwiyumvira bwarakiriwe n'ishengero ry'l Roma. Imyaka amajana yaraheze bibujijwe ko Bibiliya igendagenda mu bantu. Abantu barabujijwe kuyisoma canke kuyitunga mumazu yabo, maze abapadiri hamwe n'abakuru mw'idini batagira ingingo ngenderwako zibagenga bagasobanura inyigisho zayo kugira ngo bishigikire. Gurtyo rero papa yaje kwemerwa hafi kw'isi yose nk'aho ari icariho c'lmana kw'isi, afise ubushasha burengeye ishengero hamwe na reta.IY 104.4

    Ibihe n'ivyagezwe bihindurwajkije_Iwe gupima ko ikosa ryakozwe kivanyweho, Satani akora uko abishatse. Ubuhanuzi buvuga ko Ubupapa bwari “kuja imigabo yo guhindura ibihe n'ivyagezwe.” Daniyeli 7:25. Ico gikorwa nticari kugeragezwa buhoro. Kwemerera abihanye bavuye mu gipagani igisubirira ibishushanyo basenga, gurtyo bakaba bateje imbere ukwizera kwabo kwo kw'izina Ubukristo, gusenga ibishishanyo n'ibicapo vyarinjijwe buhoro buhoro mu gusenga kw'Abakristo. Itegeko ry'inama rukokoma ryahavuye rishingisha imizi ubwo buryo bwo gusenga ibigirwamana. Kugira ngo igikorwa cabo co kwihamya bagiheraheze, Roma yaciye ifata icagezwe ca kabiri kibuza gusenga ibishushanyo, hanyuma igaburamwo icagezwe c'icumi kubiri, kugira ngo igitigiri kigume ari ca kindi.IY 105.1

    Impwemu yo guhebera ubupagani yugururiye inzira gukengera bitera bikura ububasha bw'ijuru. Satani yarahikoze no kucagezwe ca kane naco, maze agira imigabo yo gushira kuruhande Isabato, umusi Imana yahezagiye ikongera ikaweza, hanyuma mu kibanza cayo ashira hejuru isabukuru ryahimbazwa n'abapagani nk’ “umusi munyacubahiro w'izuba.” Iryo hinduka ntiryageragejwe ubwa mbere mu buryo buboneka. Mu kinjana ca mbere abakristo ba mbere bari baragumije Isabato y'ukuri. Bari intamuheba kubw'icubahiro c'lmana, kandi bakizera, ko ivyagezwe vyayo bidahinduka, baragumije n'ishaka ryinshi ukwera kw'ingingo zavyo. Mugabo Satani yakokoresheje amayeri biciye mu bakozi biwe kugira ngo ashike kuntumbero yiwe. Kugira ngo ubwenge bw'abantu bwerekezwe kumusi wa mbere (Dimanche), wabaye isabukuru ry'icubahiro c'izuka rya Kristo. Maze ibikorwa vyo gusenga vy'idini bigakorwa no kuri uwo musi, yamara ukarabwa nk'umusi wo kwidagadura, kandi Isabato ikaguma yera kandi iziririzwa.IY 105.2

    Mu gihe yari akiri umupagani, Constantino yarasohoye itegeko ryasaba ukuziririzwa muri rusangi kw'umusi wa mbere nk'umusi w'igihugu w'isabukuru ahagera ubwami bwagutse bw'Abaroma (Empire Romain). Inyuma yo guhinduka akaba umukristo yagumye aharanira uwo musi bidasanzwe, hanyuma arateba arashimangira iryo tegeko ryiwe rya gipagani kubw'inyungu z'ukwizera kwiwe gushasha. Mugabo icubahiro baha uwo musi nticari gihagije kugira ngo bibuze Abakristo kuziririza Isabato y'ukuri nk'iyera y'Uhoraho. lyindi ntambuko yari ngombwa ngo ishikweko: inyuma y'imyaka mike Constantino asohoye iryo tegeko ryiwe, Umusenyeri Mukuru w'l Roma ahereza umusi wa mbere izina ry'Umusi w'Umwami. Gurtyo abantu buhoro buhoro bashikanwa kukuwufata nk'icagezwe cera. Mugabo n'aho nyene Isabato y'ukuri yagumye iziririzwa.IY 106.1

    Wawundi azimiza kurusha abandi bose ntiyari bwaheraheze igikorwa ciwe neza. Aca afata ingingo itisubirako yo gukoraniriza Abakristo musi y'ibendera ryiwe hanyuma agakoresha ububasha bwiwe biciye muri ca cariho, wa mupapa w'umunyabwibone yemeza ko aserukira Kristo. Biciye mu bapagani bahindutse vy'igice, abakuru mw'idini bararikiye ivy'isi, hamwe n'abakuru bakunda isi aca ashika kuntumbero yiwe. Uko igihe cagenda amanama rukokoma yarakorwa, mur'ayo nayo abakozi b'ishengero bahurira hamwe bavuye mw'isi yose. Hafi mu nama yose Isabato Imana yashinze barayicuvya uko imisi yagenda, mu gihe umusi wa mbere wowo baguma bawushira hejuru. Uko niko umusi w’isabukuru ya gipagani waje kuba impera n'imperuka nk'umusi Imana yashinze, mu gihe Isabato yo muri Bibiliya wavuzwe ko ari ikimenyetso ca kiyuda, kandi abayiziririza bavuzwe ko bavumwe.IY 106.2

    Wa mugarariji ahambaye yishira “hejuru y'icitwa Imana canke igisengwa cose.” 2 ab'l Tesalonike 2:4. Yari yubahutse guhindura ingingo imwe rudende yo mw'ljambo ry'lmana yerekeza mu buryo butihenda ku Mana y'ukuri kandi nzima. Mu cagezwe ca kane Imana ihishurwa nk'Umuremyi w'ijuru n'isi, ivyo navyo bikaba biyitandukanya n'izindi mana zose z'ikinyoma. Rwari urwibutso rw'igikorwa c'irema, ivyo nivyo vyatumye Imana yeza umusi w'indwi ng'ube umusi w'ikiruhuko k'umuntu. Wari washiriweho gutuma Imana nzima iguma imbere y'umuntu nk'isoko ry'ibintu vyose kandi ikaba iyo kwubahwa no gusengwa. Satani agerageza gukura abantu ku kugamburuka kwabo ku Mana hamwe no kwubahiriza Ivyagezwe vyayo. Gurtyo rero ashira inguvu ziwe cane cane ku kurwanya ico cagezwe kimwe cerekeza ku Mana nk'Umuremyi.IY 107.1

    Abaprotestanti ubu bemeza ko izuka rya Kristo Dimanche vyatumye iba Isabato ya Gikristo. Mugabo ikimenyamenya co mu Vyanditswe kikabura. Nta cubahiro nk'ico cahawe uwo musi na Kristo ubwiwe canke intumwa ziwe. Ukuruhuka Dimanche nk'ikintu cashinzwe rukristo bifise inkomoko mw’ “ibanga ry'umugararizo” ryari ryaratanguye igikorwa caryo mu gihe ca Pawulo. Mbega ni hehe canke ni ryari Uhoraho yemeje ko umwana w'Ubupapa abaye rwiwe? Mbega n'iyihe mvo itomoye yotangwa kugira ngo ihinduka ribe ivyagezwe ritarivuga?IY 107.2

    Mu kinjana ca gatandatu ubupapa bwari bwashinze imizi koko. Intebe yabwo y'inganji yari yashizwe mu gisagara c'ubwami, kandi Umusenyeri Mukuru w'l Roma aca atangazwa ko abaye umutwe w'ishengero ryose. Ubupagani bwari buhaye ikibanza cabwo Ubupapa. Ca Gisato cari gihaye ikibanza caco igikoko “ububasha, intebe y'ubwami, hamwe n'ubutware buhambaye.” Ivyahishuwe 13:2. Aho niho hari hatanguye imyaka 1260 y'agakandamizo k'ubupapa yari yaravuzwe mu buhanuzin bwa Daniyeli na Yohana. (Daniyeli 7:25; Ivyahishuwe 13:5- 7.) Abakristo barahatiwe guhitamwo hagati yo kwemera gureka ubutamuheba no kwemera imigirwa no gusenga vya gipapa, canke kwica n'inkota, imbeya z'umuriro, canke incabiti y'ubutema ibiti. Ubu rero amajambo ya Yesu aba arashitse, “ariko muzoshengezwa n'abavyeyi banyu na bo, na bene nyoko n'incuti n'abakunzi, bamwe muri mwebwe bazobicisha. Muzoba mwanswe na bose babahora izina ryanje.” Luka 21:16, 17. Agahamo kubantu b'intahemuka gatangura gutera kaba kabi kurusha uko vyari mbere, maze isi icika urubuga rw'intambara rwagutse. Imyaka amajana yaraheze ishengero rya Kristo ryaronse ubuhungiro mu misozi no bihanamanga. Umuhanuzi yaravuze ati: “Umugore ahungira mu bugaragwa, ah'afise ahantu yateguriwe n'lmana, kugira ngo bamugabuririyo imisi igihumbi n'amajana abiri na mirongo itandatu.” Ivyahishuwe 12:6.IY 108.1

    Imyaka y'umwijima_Ugukomera kw'lshengero ry'l Roma kwatanguye imyaka y'umwijima. Uko ububasha bwarwira, umwijima watera uba mwinshi. Ukwizera kwimuka kuva kuri Kristo, urufatiro rw'ukuri, kuja kuri papa w'l Roma. Mu gishingo co kwizigira Umwana w'lmana ngo abaharire ivyaha hamwe n'agakiza k'ibihe vyose, abantu bahanga amaso papa hamwe n'abapadiri hamwe n'abasenyeri yahaye ububasha. Barigishwa ngo papa niwe muhuza wabo, ko ata muntu n'umwe ashobora kwegera Imana atamuciyeko, ikirenze ico, ko ahagaze mu kibanza c'lmana kubwabo, gurtyo ko ari itegeko ko yubahwa na bose. Kandi guca ukubiri n'ivyo asaba yari impamvu ihagije yo guhabwa igihano ruhasha kumubiri n'umushaha.IY 108.2

    Gurtyo rero ubwenge bw'abantu bwarajanywe bukugwa ku Mana bujanwa kubantu bashobora kwihenda, kurwa mu makosa, n’inkozi z'ibibi-kandi ikirenze ico, umutware w'umwijima ubwiwe, yakoresha ububasha bwiwe biciye muri bo. Icaha cinyegeza mu myambaro y'ubugorortsi. lyo Ivyanditswe bikuweho, hanyuma abana b'abantu bakibona nk'aho basumba vyose, ico twokwitega gusa biba amanyanga, ubuzimire, hamwe n'ukugabitanya guteye ubwoba. Hamwe n'ishirwa hejuru y'amategeko n'imigenzo vy'abantu haje ukwononekara kuzanana mu gushira kuruhande ivyagezwe vy'lmana.IY 109.1

    Imisi y'akaga_Iyo misi yari mibi kw'ishengero rya Kristo. Abantu b'intamuheba ku rugero aibereye bari bake koko. N'aho Ukuri kutasigaye kutagira ivyabona, mugabo rimwe rimwe rimwe vyasa n'aho ikinyoma n'ibintazi vyari bigira bitsinze ubutagisurwamwo, kandi idini ry'ukuri rigiye kuzimanganywa kw'isi. Ishengero ryatakaje kubona ubutumwa, mugabo uburyo bwo gusenga buragwizwa, hanyuma abantu bagasabwa kwiremeka imitwaro igoye.IY 109.2

    Bigishwa ko badakwiye kubona papa gusa nk'umuhuza wabo ahubwo kandi ko bakwiye kwizigira ibikorwa vyabo kugira ngo bihongere icaha. Ingendo ndende nyeranda, ibikorwa vyo kwihana, gusenga ibishusho, iyubakwa ry'amasengero, ibibanza vyeranda, ibicaniro, irihwa ry'amahera menshi kw'ishengero-ibi hamwe n'ibindi vyinshi vyarasabwa kugira ngo bahoshe uburake bw'lmana canke kugira ngo barabwe neza nayo, nk'aho womenga Imana imeze nk'ibiremwa bantu, igashavuzwa n'ubusabusa, canke igahozwa n'ingabire bayihaye canke ibikorwa vyo kwirega!IY 109.3

    Ibinjana vyakurikiye vyabonetsemwo ukugwira kw'amakosa mu nyigisho nshimikiro zashingwa na Roma. N'imbere y'ishirwaho ry'ubupapa, inyigisho z'abahinga mu vyiyumviro vy'abapagani zari zarashizweko umutima kandi zigira ubwaku kw'ishengero. Abantu benshi mubavuga ko bahindutse bari bacumiye ku ngingo ngenderwako z'ivyiyumviro za gipagani, mbere ntibanabandanije kuvyiga bonyene ahubwo basaba abandi ngo babikorereko mu kwagura ubwaku bwabo mu bapagani. Ibi navyo vyazanye ibinyoma mu kwizera kw'abakristo. Izari imbere mu zindi kwari ukwizera ko umuntu adapfa kandi ko inyuma y'urupfu abandanya ubuzima. lyo nyigisho nshimikiro yashinze umushinge Roma yubatseko ugusenga aberanda hamwe no gusenga bikira Mariya. Aho niho hanagiye inyigisho y'ikinyoma yo kubabazwa ibihe vyose kubapfuye batihanye, ivyo navyo vyashizwe mu kwizera kwa gipapa ubwa mbere bugitangura.IY 109.4

    Ibi bintu vyateguye inzira yo kuguma hinjiramwo n'ikindi gihimbano c'ubupagani, ico Roma yise Purugatori, hanyuma igikoresha mu gutera ubwoba amasinzi y'abantu yemera ibihimbano n'ibintazi. lyo nyigisho y'ikinyoma yemeje ukubaho kw'ikibanza c'aho abantu babarizwa, ahantu imitima y'abantu baciriweko iteka ry'ibihe vyose babarizwa nk'igihano c'ivyaha vyabo, aho naho abavuyeyo, bamaze gukurwako imyanda, bemererwa kwinnjira mw'ijuru.IY 110.1

    Hariho n'ibindi bihimbano vyari bikenewe ngo bishoboze Roma gukamisha ubwoba hamwe n'amafuti y'abanywanyi bayo. Inyigisho nshimikiro y'ukugura ikigongwe yarafashije iki kintu. Uguharirwa ivyaha kwuzuye-ivyo muri kazoza, kubu, na kazoza-hamwe no gukira kubabazwa n'ibihano vyarasezeraniwe umuntu wese yiyandikishije mu ntambara z'abapapa kugira ngo yagure ubutware bwiwe, guhana abansi biwe, canke guhonya abantu bose bubahutse kwanka ubukuru bwiwe mu vya Mpwemu. Abantu barigishwa kandi ko kuriha amahera mw'ishengero kugira ngo bicungure icaha hamwe kandi no kubohora imishaha yaba ifatiwe mu Mbeya z'umuriro zo kubabazwa. Biciye mu nzira nk'izo Roma yujuje amasandugu yayo amahera kandi irabumbatira ubutware bwayo, kwihimbaza, hamwe n'amafuti y'abitwa abaserukizi ba wa wundi Atari afise aho kuryama.IY 110.2

    Amategeko yo mu Vyanditswe y'imeza y'Umwami yarasubirijwe n'inkuka z'ugusenga ibigirwamana vy'imisa. Abapadiri bavuga ko bahindura umutsima usanzwe hamwe n'umuvinyu mu mubiri wa Kristo. Hamwe n’ivyiyumviro vy'ukurorogota bemanga icese ko bafise ububasha bwo “kurema Umuremyi.” Kubwo igihano co kwicwa, Abakristo basabwe ko bemera ko bizera iyo nyigisho y'ikinyoma mbi, yo gutuka ijuru. Abanse bahawe imbeya z'umuriro.IY 111.1

    Umurango w'amashoka w'Ubupapa niwo wabaye igicugu kw'isi mu vya Mpwemu. Ivyanditswe Vyera vyasa n'ibitazwi, Atari kubantu, mbere no kubapadiri. Nk’abafarisayo ba kera, abarongozi b'ishengero baranka umuco woshira kumugaragaro ivyaha vyabo. Mu gukuraho ivyagezwe vy'lmana, urugero bw'ukugororotsi, baratwara ata rubibe hanyuma bagashira mu ngiro ingesso mbi atacamira. Amanyanga, ubusambo, hamwe n'ubkwica ivuagezwe vyari vyiganje. Abantu babayeho ata kibagera biciye mu kwironkera ubutunzi canke igiti. Ibirimba vy'abapapa n'abasenyeri vyacitse ahakorerwa ubushakanyi bw'agahomerabunwa. Bamwe mu bapapa batwara bari barakoze amabi ateye ishavu ku buryo bamwe mu bategetsi bo mw'isi bagerageje gutembagaza abo bategetsi bo mw'ishengero nk'ibisizimwe vyari vyararengeje ububisha ku buryo bitari bicihanganirwa ko boguma ku ntebe. Ibinjana vyinshi nta terambere mu kwiga, utugenegene, canke itarambere ry'imico. Uguhetama kw'ivya mpwemu hamwe no mu bwenge vyari vyaraguye kubukristo.IY 111.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents