Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Irangira Ry'imbabazi

    Igihe ubutumwa bwa marayika wa gatatu bwariko burarangira, ubushobozi bw'lmana bwaje kubantu bayo. Barangije igikorwa cabo hanyuma bari biteguriye igihe co kugeragezwa cari imbere yabo. Bari baronse imvura y'urushana, canke guhemburwa biva ku kubaho kw'Uhoraho, kandi intahe nzima yakabuwe. Imburi ya nyuma ikomeye yasamiranye hose, hanyuma ica itera kubura amahoro hamwe n'uburake ababa kw'isi batazakira ubwo butumwa.IY 116.2

    Abamarayika baranyaragurika baja irya n'ino mw'ijuru. Marayika umwe afise ihembe ribikwamwo wino murubavu avuye mw'isi hanyuma ashikiriza Yesu ko igikorwa ciwe ko yagihejeje, kandi ko abacunguwe baharuwe kandi bashizweko ikimenyetso. Hanyuma Yesu, yari maze igihe kirekire amaze akorera imbere y'isandugu ry'isezerano ririmwo ivyagezwe cumi, aterera hasi icotero. Ashira hejuru ibiganza vyiwe, hanyuma n'ijwi rirenga ati, “Birarangiye.” Maze abamarayika bakura ibitsibo vyabo ku mitwe mu gihe Yesu yatangaza icese ati, “Ugabitanya n'ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n'ashishikare yandure; uwugororotse n'ashishikare agororoke; uwera n'ashishikare yezwe.” Ivyahishuwe 22:11.IY 116.3

    Urubanza rw'umuntu wese rwacitse ko agiye gupfa canke kuzobaho. Mu gihe Yesu yariko arakorera mw'ihema, urubanza ruriko rurabandanya ku bagororotsi bapfuye, hanyuma kubagororotsi bakiriho. Kristo yakiriye ubwami bwiwe, yahejeje gutanga impongano y'abantu biwe akongera agasibanganya ivyaha vyabo. Abazoba mu bwami bamenyakanye. Ubugeni bw'Umwagazi w'intama bwabaye. Kandi ubwami, hamwe n'ubukuru bw'ubwami buri musi y’ijuru ryose, buhabwa Yesu hamwe n'abaragwa Agakiza, hanyuma Yesu yabwirizwa kuganza nk'Umwami w'abami n'Umutware aganza abatware.IY 116.4

    Mu gihe Yesu yava ahera cane, inzogera zari ku mpuzu yiwe zarajegeye; kandi uko yavayo, igicu c'umwijima gitwikira ababa kw'isi. Kuva ubwo nta muhuza yari akiriho hagati y'abantu n'lmana yacumuweko. Mu gihe Yesu yari agihagaze hagati y'abantu bagirwa n'amakosa n'lmana; hari hakiriho igifatira abantu gukora ibibi; mugabo asohotse mu kuba hagati y'abantu na Data, kwa kubuza kuvanwaho, hanyuma Satani aba afise ukugaba atakimuciramwo abo bose banse kwihana.IY 117.1

    Ntivyari gushoboka ko ivyago bikororwa mu gihe Yesu akiriko arakorera mw'ihema, mugabo mu gihe igikorwa ciwe ngaho carangira hanyuma ukuja hagati kukugarwa, nta kintu na kimwe co guhosha uburake bw'lmana, hanyuma bica biraduka n'ubushangashirwe vyinshi bigwa ku mitwe y'abanyavyaha batagira aho bikinga, bafashe minenerwe umuco w'agakiza bakanka uguhanwa. Mur'ico gihe giteye ubwoba, inyuma y'iyugarwa ry'igikorwa ca Yesu c'ubuhuza, abantu b'lmana, abo Bibiliya yita abera, bari babayeho mu maso y'lmana yera batagira umuhuza. Urubanza rwose rwacitse, igisharizo (urugori) cose caharuwe.IY 117.2

    Harengeranye! _Hanyuma Yesu akura impuzu ziwe za giherezi hanyuma yambara ikanzu yiwe y'ubwami isumba izindi. Ku mutwe wiwe hari ibitsibo vyinshi, igitsibo mu kindi. Akikujwe n'ingabo z'abamarayika, ava mw'ijuru. Ivyago vyariko biragwa kubaba kw'isi. Bamwe bariko barifatira Imana mu gahanga abandi bayivuma. Abandi bagatera abantu b'lmana hanyuma babasaba ngo babigishe uko bakwiye guhunga urubanza rubi rw'lmana.IY 117.3

    Mugabo abera ntaco babamariye. Iryosozi rya nyuma ku banyavyaha rizoba ryasheshwe, isengesho rya nyuma ry'umuniho ryatanzwe, umutwaro wa nyuma wikorewe, imburi ya nyuma yatanzwe. Ijwi ryiza ry'imbabazi ritakibahamagara. Igihe abagororotsi, hamwe n'abari mw'ijuru bose, bari bagishishikajwe n'agakiza kabo, nta gushishikazwa n'ivyabo. Ubugingo n'urupfu vyashizwe imbere yabo. Benshi bipfuza ubugingo, mugabo ntibagira akigoro ko kubwakira. Ntibahisemwo ubugingo, none ubu nta maraso y'impongano yari agihari ngo ukwandura kwabo kubaveko, nta Mukiza w'umunyembabazi abavugira yinginga kandi asemerera ati,: “Ba uramuretse, ba uraretse uwo munyavyaha gato.” Ijuru ryifatanije na Yesu bumvise amajambo ateye ubwoba, “Karabaye! Birarangiye!” Umugambi w'agakiza washitse ku ntumbero, mugabo bake nibo bahisemwo kuwakira. None igihe ijwi ry'imbabazi ryiza rikamanganye, ubwoba n'intuntu bitekera abanyakibi. Hamwe n'amajmabo yumvikana biteye ubwoba bumva amajambo ngo, “Harengeranye! Harengeranye!”IY 118.1

    Benshi mu banyakibi barashangashiwe mu gihe bahangana n'ingaruka z'ivyago mu mu babaro uteye ubwoba. Abavyeyi bariko baragiriza buzuye umururazi, abana babo, abana bagiriza abavyeyi, abavukanyi bagiriza bashiki babo, bashiki babo bagiriza basaza babo. Akaruru ko gucura intimba, karekare kazanana mu mpande zose: “Ni wewe watumye ntakira Ukuri kwari kunkiza iki gihe kibi c'ubugesera.” Abantu bahindukiriye abapastoro babo babanse urunuka hanyuma bakabatako impfane, bababwira bati, “Ntimwatuburiye. Mwatubwira ngo isi yose izohindukira, hanyuma musemerera ngo, N'Amahoro, n'amahoro, kugira ngo mutere ubwoba bwose bwari kuvyuka guhera. Ntimwatubwiye ivy'iki gihe; kandi abatuburiye mwabagirije ko batwarira hejuru n'abantu babi, bodutera kurimbuka.” Mugabo abo bungere ntibarokotse uburake bw'lmana. Ukubabazwa kwabo kwari ibihetangabo cumi kurusha abantu babo.IY 118.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents