Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ingero Y'abagororotsi

    Maze igitigiri kinini c'abamarayika kivuye muri ca gisagara kizana ibitsibo vy'ubwiza-igitsibo k'umugororotsi wese, hariko n'izina ryanditsweko. Mu gihe Yesu yatumako ivyo bitsibo, abamarayika barabimushikiriza, maze akoresheje ukuboko kwiwe kw'l buryo Yesu atereka ivyo bitsibo ku mitwe y'abagororotsi. Uko nyene niko abamarayika bazanye inanga, Yesu nawe azishikiriza abagororotsi. Umumarayika mukuru aratangura avuza inota, maze ijwi ryose rishirwa hejuru riduza mashimwe no guhimbaza, kandi ukuboko kwose kwarakoze kur'iyo mirya y'inanga mu buhinga, arungika umuziki uryoshe mu mudiho kandi urimwo vyinshi.IY 124.2

    Yesu ajana uwo murwi w'abacunguwe kw'irembo ry'ico gisagara. Afata urugi, araryugurura riri ku mapata yarwo akayangana, araheza atumira amahanga yagumije Ukuri ngo yinjire. Mur'ico gisagara hari ikintu cose kizonezera ijisho. Ubwiza budasanzwe bwaboneka hose. Hanyuma Yesu yitegereza abagororotsi bacunguwe, bakayangana mu maso. Ubwo yabitegereza mu maso, aravuga, n'ijwi ryiwe, ryagutse nk'ururirimbo ati, “Ndiko ndabona ivyavuye mu bise vy'Umushaha wanje, kandi birampagije. Ubu bwiza burimwo ubutunzi n'ubwanyu ngo mububemwo munezerewe ibihe vyose. Imibabaro yanyu irarangiye. Nta rupfu ruzongera kubaho, nta n'umubabaro canke gutaka, kandi nta n'uburibwe bizongera kubaho.”IY 124.3

    Abacunguwe barunama hanyuma barambika ibitsibo vyabo bikayangana ku birenge vya Yesu, hanyuma ibiganza vyiwe vy'igikundiro bibishira hejuru, nabo bagaca batora inanga zabo z'inzahabu maze buzuza ijunj ryose umudiho hamwe n'indirimbo zo kuninahaza Umwagazi.IY 125.1

    Hanyuma Yesu aja imbere abantu ku giti c'ubugingo, maze n'ubwo nyene bumva ijwi ryiwe ryiza, risumba ugusamirana kw'indirimbo icurarangishijwe ubuhinga ugutwi kw'umuntu apfa yoba yarigeze kwumva, avuga ati, “Ibibabi vy'igiti c'ubugingo nivyo kuvura amahanga. Ni mubiryeko mwese.” Ku giti c'ubugingo niho hari icamwa kiryoshe kurusha ibindi biti vyose, ivyo navyo niho abera bashobora kuryako mumwidegemvyo. Mur'ico gisagara hari intebe y'ubwami isumba izindi ubwiza, mur'iyo ntebe hava uruzi rw'amazi meza y'ubugingo, abonerana nk'icirore. Ku mpande zose z'uru ruzi niho igiti c'ubugingo cari, kandi ku nkengera z'urwo ruzi hari ibiti vyiza vyama ivyamwa bibereye kuribwa.IY 125.2

    Ururimi uko rwakabaye kwose rufise intege nke zo kugerageza kwigana uko ijuru rimeze. Turashobora gusobanura duti, “Mbega urukundo! Mbega urukundo rutangaje!” ururimi rushizwe hejuru kurusha izindi rurananirwa kwigena ubwiza bw'ijuru canke uburemure bw'amajepfo bw'urukundo rw'Umukiza.IY 125.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents