Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ukwimikwa Kwa Kristo

    Ubu rero Kristo arasubiye kubonana icese n'abansi biwe. Hejuru y'ico gisagara, kw'iremezo ry'inzahabu yakuweko inkamba, hari intebe, iri hejuru kandi ishizwe hejuru. Kuri iyo ntebe niho Umwana w'lmana yicara, hanyuma agakikuzwa n'abiwe mu bwami. Nta rurimi rushobora kwigana ubushobozi n'ijunja rya Kristo; nta karamu rishobora kuvyigana. Ubwiza bwa Oata ahoraho butwikiriye Umwana wayo. Ugukayangana kwiwe kwuzuye igisagara c'lmana kandi kurarengana no hanze y'amarembo, ivyo navyo bikuzuza isi ugukayangana kuvuyeyo.IY 130.1

    Hafi cane y'iyo ntebe hari ba bandi bigeze kuba bafise ishaka ryinshi mu vya Satani, mugabo, ubu babaye nk'ibishirira vyokowe mumuriro, bakaba barakurikiye Umukiza wabo gushika I bwina no kumwihebera. Abakurikira n'abagiye imbere abandi muri kamere rukristo hagati mu kinyoma hamwe no kutizera, abo bahaye iteka ivyagezwe vy'lmana igihe abakristo bavuga ngo ntaco bimaze, hamwe n'amamiriyoni, yo mu myaka yose, bishwe kubwo kwizera kwabo. Kandi hejuru y'abo hari n’ “ishengero ryinshi ata woshobora kuriharura, bo mumahanga yose n'imiryango yose n'amoko yose n'indimi zose, bahagaze imbere y'Umwagazi w'lntama, bambaye imvune zera, bari n'amashami y'ibigazi mu minwe.” Ivyahishuwe 7:9. Intambara irahezwa, intsinzi yabonetse. Barwanye intambara nziza hanyuma bagashikira igitsibo. Ishami ry'ikigazi mu biganza vyabo n'ikimenyetso k'intsinzi yabo, maze ikanzu year n'ikimenyetso c'ubugororotsi bwa bwa Kristo, ubu rero bukaba ari ubwabo.IY 130.2

    Abacunguwe baterura indirimbo y'amashimwe isamirana ikongera igasamirana aharengeye amajuru ngo: “Agakiza n'ak'lmana yacu ivyagiye kuri irya ntebe, n'ak'Umwagazi!” abamarayika bashira hamwe amajwi yabo basenga. Mu gihe abacunguwe bibonera ubushobozi n'intumbero mbi vya Satani, babonye, kurusha uko bigeze kubimenya, ko ata bubasha na bumwe bundi bwobateye gutsinda Atari ubwa Ktisto. Mur'iryo sinzi ry'abantu bakayangana nta n'umwe wo kwitirirwa Agakiza, nk'aho womenga batsinze bonyene ubwabo kubw'ububasha n'ubwiza vyabo. Nta kintu na kimwe bovuga kuco bakoze canke kuvyababayeko, Atari umutwaro w'indirimbo iyari yo yose, ijambo ritangura ururirimbo rwose rwo guhayagiza ni, “Agakiza n'ak'lmana yacu ivyagiye kuri irya ntebe, ... n'ak'Umwagazi!” lvyahishuwe 7:10.IY 130.3

    Ababa mw'isi no mw'ijuru bakoraniye hamwe, ukwimikwa k'Umwana w'lmana kwa nyuma kurabaye. Ubu rero, ahawe ububasha burengeye bose mw'ijunja no mu bubasha, Umwami w'abami atangaje amajambo kubagarariji barwanya reta yiwe kandi ashize mu ngiro urubanza kuri abo bose bakandamije ubwoko bwiwe. Intumwa y'lmana iravuga iti: “Mbona intebe niniya yera, mbona n'lyivyagiyeko, isi n'ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka. Mbona abapfuye, abahambaye n'aboroshe, bahagaze imbere y'iyo ntebe; kand'ibitabo birazingururwa. Kand'ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c'ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza z'ivyanditswe mur'ivyo bitabo, zikwiranye n'ivyo bakoze.” Ivyahishuwe 20:11,12.IY 131.1

    Ubwo nyene ibitabo bikizingururwa, hanyuma ijisho rya Yesu rikitegereza abanyakibi, baca bibuka icaha cose boba barigeze gukora. Bagaca babona ingene ibirenge vyabo vyanyereye bikava mu nzira yo kwera no gutunganywa, nk'uko nyene ubwishime n'umugararizo vyabajanye mu kwica ivyagezwe vy'lmana. Ibigeragezo bizimiza bateye umwete mu gukundwakaza icaha, imigisha bakoresheje nabi, imipfunda y'imbabazi bakubise bayisubiza inyuma kubw'umutima wabo utagonda izosi, kandi utihana-vyose biboneka nk'ivyanditswe mw'ikete ry'umuriro.IY 131.2

    Indabo ya hamwe y'lntambara lhambaye_Hejuru y'iyo ntebe y'ubwami babona umusaraba, hamwe n'ingene vyagenze igihe Adamu yageragezwa hamwe no kurwa kwiwe hamwe mbere n'intambuko zikurikirana z'umugambi w'agakiza biboneka nk'ibiriko bibonekera muri rusangi mu kubanza kimwe. Ivuka riciye bugufi cane ry'Umukiza, ubuzima bwiwe busanzwe no kugamburuka agitangura kuba kw'isi, umubatizo wiwe muri Yorodani, kwisonzesha hamwe n'ukugeragezwa mu bugaragwa, igikorwa ciwe co mu rukinja cahaye abantu ingabire izimvye kurusha izindi, imisi yaranzwe n'ibikorwa vy'urukundo hamwe n'imbabazi, amajoro y'ugusenga no kuba maso ari wenyene mu misozi, ishari ryatuma bagira inama yo kumugambanira, urwanko, hamwe n'ubukozi bw'ikibi vyavuyemwo ico yamaze, kwa gutaka guteye ubwoba kw'ibisigabwenge kw'l Getsemane musi y'umuruho wamufyonyora kubw'ivyaha vy'abari mw'isi bose, kuhemukirwa kwiwe agashirwa mu maboko y'umurwi w'inkorabara, ibintu vyamubayeko biteye akoba vyo muri rirya joro ry'ubuyobe: imbohe itagira ikiruhuko, yahebwe n'abigishwa yakunda cane kurusha abandi, ukuntu yajanywe nabi atagateka mu mabarabara y'l Yerusalemu, Umwana w'lmana yagizwe agatete imbere ya Anasi, ashengezwa mu kirimba c'umuherezi mukuru, gucirwa urubanza mu kirimba kwa Pilato, wa Herodi w'ikigahugahu n'inkozi y'ikibi, yaratutswe, arashinyagurirwa, arakubagurwa, hanyuma acirirwa urwo gupfa-vyose vyerekanwe ata vyijiji.IY 132.1

    Ubu rero imbere ya ya masinzi yasamye ivyabaye ubwa nyuma birerekanwa: wa Munyamibabaro ariko atambukira mu kayira kaja I Kaluvari, Umwami w'ijuru amanitswe kumusaraba, babaherezi biyemera hamwe n'agakuku k'abasemerera bamucurira mu mubabaro wiwe wo kumpfiro, wa mwijima udasanzwe, isi iremera, ibitandara bisadagurika, imva zuguruye, vyerekana igihe Umucunguzi w'isi yarekuye ubugingo bwiwe.IY 132.2

    Ivyo bintu biteye ubwoba biraboneka nk'uko vyagenze nyene. Satani, abamarayika biwe, hamwe n'abamukurikiye nta bubasha bafise bwo guhunga isanamu y'ibikorwa bo nyene bikoreye. Umuntu wese yibuka uruhara yagize. Herodi, yishe abana ataco bazira b'l Bethlehemu ashaka kwica Umwami wa Isirayeli; Herodiya ya nkozi y'ikibi, uwo amaraso ya Yohana Umubatizi aremetseko; wa Pilato, umusuku w'igihe; babasirikare bamushinyagurira; ba baherezi bakuru n'abakuru hamwe na rya shengero ryari ryafashwe n'ibisazi bamwe bakoma induru ngo, “Amaraso yiwe aze atubeko, twebwe n'abana bacu”-abatahura bose ukuntu ikosa ryabo ari irihambaye mu buryo rutura. Bagerageza bidakunda kwinyegeza ubukuru bw'ijuru buboneka mu nyonga hiwe, ubwiza bubonekera hanze bw'izuba, mu gihe abacunguwe bashira hasi ibitsibo vyabo ku birenge vy'Umukiza, bavuga bati, “Yarampfiriye!”IY 133.1

    Mubacunguwe harimwo intumwa za Kristo, umwe Pawulo yatsinda, umwe Petero yari ashushe, Yohana umwe yakundwa kandi agakunda, hamwe n'abavukanyi bose b'imvugakuri, hamwe nabo ingabo nyinshi z'abasheshe amaraso bazira Ukuri, mu gihe hanze y'impome, hamwe n'ikintu cose kibi kandi co kwankwa, niho hari abahamye, bagafunga, bakanabica. Hariho Nero, ca gisizimwe c'ububisha n'amahinyu, babonye umunezero hamwe n'icubahiro c'abo yigeze gukubagura, abo mu guhagarika umutima kurenze ukwo kwovugwa yahimbaye Satani. Nyina wiwe ari ngaho kugira yibonere icavuye mu gikorwa ciwe, kugira ngo abone ingene ikidodo kibi ca kamere yahereje umuhungu wiwe, ingene yamuteye umwete ibihimbaro hamwe n'ukubikuza biciye mu bwaku n'akarorero, vyamye ivyamwa mu mabi yateye isi gukangarara.IY 133.2

    Hariho abapadiri n'abasenyeri bemeza ko baserukira Kristo, mugabo bakoresheje inkota, umunyororo, hamwe no guturira abantu babona kugira ngo baganze ubwenge bw'abantu. Hariho abapapa b'abanyabwishime bishira hejuru y'lmana hanyuma bakemeza ko bahinduye ivyagezwe vy'lmana Isumba vyose. Ba bandi bigira ngo ba data b'ishengero bafise ivyo bazobazwa n'lmana, iyo bari kuronka urwitwazo mu munezero rwo gusaba imbabazi. Hazoba harengeranye aho bazobonera umwe azi vyose yerekana ifuhe afitiye ivyagezwe vyiwe, kandi ntazopfa kwihoza uwatsinzwe n'urubanza. Niho bazomenya ingene Kristo yishushanya n'abantu biwe bababazwa, maze bumve uburemere bw'amajambo yiwe, “Ko mwabigiriye umwe wo muri aba bene Data bari hanyuma y'abandi, ni jewe mwabigiriye.” Matayo 25:40.IY 133.3

    Imbere y'intebe y'imanzajsi yose y'abayakibi ihagaze imbere y'intebe y'imanza y'intebe, bagirizwa kuba barahemukiye reta yo mw'lmana. Abazimiye nta muntu n'umwe bafise wo kubaburanira. Nta co kwitwaza bafise, maze urubanza rw'urupfu rw'ibihe vyose rurabasomewe.IY 134.1

    Ubu rero biratomoye ko ingero y'icaha Atari ukwigenga mw'ietka, ahubwo ari ubuja, ukurimbuka, hamwe n'urupfu. Abanyakibi barabona ko babuze ubugingo kubw'umugararizo. Barakengereye “ubwiza burengeye uko bwovugwa kandi bufise uburemere bwo kwamaho” igihe babushikirizwa, none raba ubu ingene busa n'ubwo kwipfuzwa. Uwuzorimbuka azoboroga ati, “Ibi vyose, nari kubironka, mugabo nahisemwo gushira ibi bintu kure yanje. Mbega ubusazi! Jewe amahoro, umunezero, hamwe n'icubahiro nabisubirije ubukozi bw'ikibi, ivy'isoni nke, hamwe n’umwiheburo.” Bose babona ko kuba birukanywe mw'ijuru bibereye. Mu buzima bwabo baratangaje bati, Ntidushaka kuganzanya na Yesu ariwe aturi kw'isonga.IY 134.2

    Nk'aho boba bajanywe, abanyakibi babonye kwimikwa kw'Umwana w'lmana. Babone mu biganza vyiwe ibisate vy'ivyagezwe vy'ijuru, ivyashinzwe bakengereye hanyuma bakabihonyanga. Baribonera ingene umunezero, uguhimbarwa, hamwe no guhimbazwa bisamirana biva kubakijijwe, hanyuma mu gihe umupfunda w'indirimbo ugakubura kuva aho abantu bakoraniye no hanze y'igisagara, maze bose n'ijwi rimwe barasemerera bati, “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n'iz'ukugororoka n'ukuri, Mukama w’amahanga.” (Ivyahishuwe 15:3), maze bose barubama, baca basenga Umwami w'ubugingo.IY 134.3

    Urupfu rwa kabiri_Satani asa n'uwunyunyutse uruhande rumwe abonye ubwiza hamwe n'icunahiro ca Kristo. Wa wundi yigeze kuba umukerubi atwikira aribuka aho yaguye ava. Marayika akayangana, “umwana w'umutweni”-mbega ukuntu yahindutse, agakororwa amapeta!IY 135.1

    Satani arabona umugararizo wiwe uvuye kugushaka wamuteye kuba uwutabereye kuba mw'ijuru. Yarigishije ububasha bwiwe kurwanya Imana, gurtyo rero ugutungana, amahoro, hamwe n'ukutavuguruzanya kwo mw'ijuru vyari ivyomubera gukubagurwa. Ibirego yarega imbabazi hamwe n'ubutungane vy'lmana vyose biguye mu kajendegete. Impfane yagerageje guta kuri Yehova ziri kuri we ubwiwe ijana ku rindi. Ubu rero satani aca arunama hanyuma aratura ko urwo aciriwe rugororotse.IY 135.2

    Ikibazo cose c'ukuri hamwe n'ikinyoma mu ntambara ndende cishurwa kumugaragaro. Ubutungane bw'lmana buhagarara butagoramye mu buryo bwuzuye. Isi yose yabonye ishikirizwa ritomoye rya ca kimazi gihambaye Data hamwe n'Umwana cakozwe kubw'umuntu. Igihe cashitse aho Kristo ari mu kibanza abereye kandi ashirwa hejuru y'abaganza hamwe n'abafise ububasha hamwe n'izina ryose rivugwa.IY 135.3

    N'aho Satani yahatiwe kwemera ubutungane bw'lmana no gufukamira ubukuru bwa Kristo, kamere yiwe iguma idahinduka. Impwemu y'umugararizo, nk'uruzi rw'inkomezi, isubire kwaduka. Yuzuye amafuti yiwe, yafashe ingingo idahinduka yo guheba intambara ihambaye. Igihe kirashitse c'intambara ya nyuma yo kwita arwanya ubwami bwo mw’ijuru. Asimbira mubiwe hanyuma agerageza kubashiramwo ivy'intambara ubwo nyene. Mugabo mu mamiriyoni adaharurika yose ataye mu mugararizo, nta n'umwe agisigaye yemera ubukuru bwiwe. Ubushobozi bwiwe buri kw'iherezo. Abanyakibi buzuye rwa rwanko nyene banka Imana ruri muri Satani, mugabo barabona ivyabo ata cizere bitanga, ko badashoborea gutsinda Yehova. Barashangashirwa barakira Satani hamwe n'abo bose babaye abakozi biwe mu kuzimiza. Hamwe n'umujinya w'abadayimoni barabahinduka, hanyuma haca hakurikira ishavu kw'isi yose.IY 135.4

    Amajambo y'umuvugishwa arashika ngo: “Kuk'Uhoraho ashangashiriwe amahanga yose, akaba arakiye ingabo zayo zose, arabagesheje rwose, arabagabuye ngo bicwe.” Yesaya 34:2. “Abanyakibi azobarekurirako amakara yaka n'amazuku; Umuyaga w'indugumba uzoba umugabane mu gikombe cabo.” Zaburi 11:6. Umuriro urururuka uvuye ku Mana mw'ijuru. Isi irasama. Ibirwanisho vyo muvyaremwe vyari bibitswe I bwina birasohorwa. Ibirimi vy'umuriro birasenyuka biva mu vyobo vyose vyasamye. Ibitandara biraka umuriro. Uwo musi washitse uzoba “waka nk'itanure.” Malaki 4:1. Ibintu vyose bigashongeshwa n'umuriro, kandi isi hamwe n'ibikorwa biri muri yo biratongorwa. (2 Petero 3:10.) Kw'isi hasa n'ikiyaga cayonze-ikiyaga gishonze c'umuriro. N'igihe c'urubanza hamwe no kurimbura abatubaha lmana-“umusi w'uguhora w'uhoraho, umwaka wo gushumbusha ivya Siyoni.”Yesaya34:8.IY 136.1

    Abanyakibi baronka ingero itunganye mw'isi. Bazoba “ibishingwe. Kandi uwo musi ugiye kuza uzobatongora, niko Uhoraho nyen'ingabo agize.” Malaki 4:1. Bamwe bararimburwa mu mwanya muto, mu gihe abandi bababazwa imisi myinshi. Bose barahanwa hisunze ibikorwa vyabo. Satani azobabazwa, Atari kubw'umugararizo wiwe gusa, mugabo kubw'ivyaha yateje abantu bose b'lmana gukora. Igihano ciwe kiri kure n'iyo kinini kurusha abo yahenze. Inyuma y'ukurimbuka kwa bose kubw'ubuhendanyi bwiwe, azoba akeneye kubandanya kubaho no kubabazwa ikindi gihe ciyongera kuc'abandi. Mu birimi vy'umuriro abanyakibi bararimbutse impera n'imperuka, imizi n'amashami_Satani umuzi, abamukurikiye amashami. Ubutungane bw'lmana burahagijwe, maze abagororotsi hamwe n'abamarayika bavugira hamwe n'ijwi ryo hejuru bati, Amen.IY 136.2

    Mu gihe isi itekewe n'umuriro w'uguhora, abagororotsi bobo bari amahoro mu gisagara Cera. Bamwe babaye mu muzuko wa mbere, urupfu rwa kabiri nta bubasha bubafiseko. (Ivyahishuwe 20:6.) Mu gihe Imana kubanyakibi ari umuriro utongora, kubantu biwe n'izuba hamwe n'ubwugamo (Zaburi 84:11).IY 137.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents