Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Kugeragezwa No Kugwa

    Satani yafashe ishusho y'inzoka maze yinjira Edeni. Ahagarara mu giti kimenyekanisha iciza n'ikibi hanyuma atangura kurya ku vyamwa vyaco asa n'uwiryoheye.IY 14.3

    Ubwa mbere, ataco yinona, Eva yatandukanye n'umugabo wiwe igihe yariko arakorera itongo. Amaze kubona ivyabaye, yariyumvamwo ko hashobora kubaho akaga, mugabo n'aho nyene yumva ko ari amahoro, n'aho atari hagufi y'umugabo wiwe. Yari afise ubushishozi hamwe n'inkomezi zo kubona ikibi kiriko kiraza hanyuma ngo aheze ahangane naco. Abamarayika bari baramuciye amahani ngo ntaze yigere abikora. Eva yisanga ariko arihweza ivyamwa vyo ku giti kimenyekanisha iciza n'ikibi yuzuye amatsiko hamwe no kugishima.IY 14.4

    Yarabonye ko cari gifise igikundiro, hanyuma atangura kwibaza ingene Imana yababujije kukiryako ata gufyina. Satani yari aronse akaryo. Avugana na Eva nk'aho ashoboye gusoma mu vyiyumviro: “Mbega nivyo ko Imana yavuze ngo, Ntimuze murye ku giti nakimwe co mur'iri tongo?” Yavuganye na Eva mu majambo yoroshe kandi aryoshe, n'ijwi womenga n'akaziki. Eva yarajegenyuwe no kwumva inzoka ivuga. Ntivyamuje mu bwenge ko uwo ashobora kuba ari wa mwansi yaguye, ariko akoresha inzoka. Yari Satani yavuga, ntabwo yari inzoka. Eva yari yajanywe, yaryoharyohejwe, yameze amababa kubw'ivyo. lyo aza guhwana n'umuntu, afise ishusho nk'iy'umumarayika akaba asa nabo, yari gushobora kumera magabo.IY 14.5

    Iryo jwi ridasanzwe ryari kumusubiza iruhande y'umugabo wiwe kugira amubaze impamvu uwundi muntu yovugana nawe mu mwidegemvyo nk'uko. Mugabo yinjira mu ntambara n'inzoka. Yishura ikibazo cayo: “Turashobora kurya ku vyamye ku giti cose kiri mur'iri tongo; yamara ku vyamye ku giti kiri hagati mw'itongo, Imana yavuze iti: ‘Ntimuze mukiryeko, ntimuze munagikoreko, kugira ngo ntimupfe.”‘ Inzoka iramwishura iti, “Haba n'intete ntimuzopfa. Kuko Imana izi ko umusi mwakiriyeko amaso yanyu azihweza, mukaba nk'lmana kuvyo kumenya iciza n'ikibi.”IY 15.1

    Satani yashaka ko biyumvira ko mu kurya ivyamye kugiti cabuzanijwe bari kuronka ubumenyi bushasha kandi bw'agahebuza kurusha ubwo bari basanganywe. Iki cari igikorwa kidasanzwe kandi gishika ku ntumbero cane, kuva igihe yarwa-gushikana abantu kwinjira mu mabanga y'ubuzima bw'lmana Nyen'inkomezi no kutanyurwa n'ivyo yahishuye, hamwe no kutigengesera ngo bagamburukire ivyo yashinze. Agomba guteza abantu kugarariza ivyagezwe vy'lmana hanyuma abateze kwizera ko bariko barinjira ahantu h'ubumenyi bw'akaroruhore. Uku n'ugupfa gufata ibintu uko bitari, kandi n'ubuzimire bubabaje.IY 15.2

    Bananirwa gutahura ivyo Imana yahishuye, hanyuma bagakengera amategeko yayo aboneka hanyuma bakipfuza ubushishozi butarimwo Imana, barondera gutahura ivyo yatoranije kutereka abantu bapfa. Banezerezwa vy'akaburarugero n'ivyiyumviro vyabo vy'iterambere hanyuma bagahendwa n'ubwenge bwabo butagiramwo ikintu na kimwe, yamara bakadandabagirana mu gicugu c'umwijima iyo hageze kukumenya kw'ukuri. mu gicugu c'umwijima iyo hageze kukumenya kw'ukuri. Ntibwari ubugombe bw'lmana ko uwu muryango utagira icaha umenya ikibi na kimwe. Yari yabahanye umwidegemvyo iciza ariko ntiyabaha ikibi. Eva yibaza ko amajambo y'inzoka arimwo ugushishoza, hanyuma yemera ivyo umugwanizi afatiye hamwe ngo, ‘Haba n'intete ntimuzopfa. Kuko Imana izi ko umusi mwakiriyeko amaso yanyu azuguruka mukihweza, mukaba nk'lmana kuvyo kumenya iciza n'ikibi.’ Ibi navyo vyari ukugira Imana umubeshi. Satani yemeje ashimitse ko Imana yabahenze kugira ngo ntibashike ku rugero rwo kungana nayo. Imana yari yaravuze iti, nimwakiryako muzopfa. Inzoka nayo iti, nimwakiryako, “haba n'intete ntimuzopfa.”IY 15.3

    Umuhendanyi yemeje Eva ko agiheza kurya ico camwa aca aronka ubumenyi bwo hejuru bushasha bumutera kungana n'lmana. Yamusavye kumuraba. Yavuze ko imvo yatumye aronka ububasha bwo kuvuga ari ukubera ko yariye kugiti kimenyekanisha iciza n'ikibi Imana yababujije. Yamubwiye ko Imana ijambo yavuze itazorishitsa. Yerekana ko ari iterabwoba no kubabuza iciza gisumba ibindi. Arongera kandi ati none ntimwariye kugiti c'ubugingo kibatera kugumaho ibihe vyose? Aramubwira ko Imana iriko irabahenda ngo ntibashikire urugero rwo hejuru rwo kubaho hamwe n'umunezero wo kurwego rwo hejuru.IY 16.1

    Umuhebdanyi aramura icamwa araheza agihereza Eva. Aragitora mukiganza ciwe. Uwo mubeshi ati ubu rero, mwari mu bujijwe no kutanagikorako kugira ntimupfe. Amubwira ko aza kubona ko ataho bihwaniye n'ikibi hamwe n'urupfu mu kurya kurusha gukorako no kugaragura ico camwa. Eva arindishijwe kubera atari yumvise ibimenyetso ubwo nyene ko Imana ibabaye. Aca yiyumvira ko amajambo y'umuhendanyi abwirizwa kuba ariyo arimwo ubwenge kandi ari ay'ukuri. Ararya, kandi anezerererwa ico camwa. Casa n'aho kiryoheye ururimi, yiyumvira ko we ubwiwe yiyumvisemwo ibiterwa n'ico camwa.IY 16.2

    Eva ahindutse Umugerageji-Yamura kuvyamwa vyo kur'ico giti ararya, yiyumvira ngo ariko yiyumvamwo inkomezi zizana ububasha zo kubaho gushasha ziri kurugero rwo hejuru biciye mu kumira ibivuye mu bwaku bw'igiti cabuzanijwe. Yari aryohewe bidasanzwe kandi vy'indengakamere aho yaje kuraba umugabo wiwe mu biganza vyiwe hari vya vyamwa vyo ku giti cabuzanijwe. Amubwira ivy'ubwenge inzoka yamubwiye, kandi yagomba kumujana ubwo nyene kugiti kimenyekanisha iciza n'ikibi. Aramubwira ati nakiriyeko, mu gishingo co kwiyumvamwo urupfu, yiyumvisemwo uburyohe n'umunezero w'akaburarugero. Ubwo nyene Eva agiheza kwica amategeko, yciye acika igikoresha c'ikinyenkomezi Satani yaciyemwo kugira ngo umugabo wiwe nawe arwe.IY 17.1

    Adamu atahura neza cane ko umutambukanyi wiwe yari yishe icagezwe kimwe rudende Imana yari yabahaye kugira ngo ishire ku munzane ubwizigirwa n'urukundo rwabo. Eva yibaza ko ivyo inzoka yari yavuze ngo haba n'intete ntimuzopfa ari vyo, kandi ko amajambo yayo abwirizwa kuba ari ay'ukuri, kuko ntakimenyetso cerekana ukubabara kw'lmana cahabaye, ahubwo ko yumva muri we ubwaku burimwo uburyohe, nk'uko yibaza ko abamarayika bari.IY 17.2

    Adamu yaricujije kubona Eva yamuvuye iruhande, mugabo rero akaba kari kabaye. Yabwirizwa gutandukana n'uwo ubutambukanyi bwari bwamubereye ubw'urukundo. Yaribaza ati: “Ni gute noreka ngo ibi bibe?” Urukundo rwiwe kuri Eva rwari rukomeye cane. Mugucika intege binonosoye ahitamwo gusangira nawe inkurikizi. Yariyumviriye abona ingene Eva yari kimwe mu bimugize, kandi ko nimba abwirizwa gupfa, nawe abwirizwa gupfana nawe, kuko atari kwihanganira iciyumviro co gutandukana nawe.IY 17.3

    Yabuze ukwizera Umuremyi wiwe nk'umunyembabazi kandi w'umunyabuntu. Ntiyiyumviriye ko Imana, yari yamuremye imukuye mu mukungugu wo hasi akamugira muzima yari gushobora gushiraho umusubirizi. Inyuma ya vyose yaribaza ati, “ubwo ntiwosanga amajambo y'irya nzoka ari ay'ukuri?” Eva yari ahagaze imbere yiwe, akiri uw'igikundiro kandi mwiza kandi asa n'aho atakimwagira nk'uko yar'ari imbere yo kugarariza. Yamwereka urukundo rusumba kandi ruri hejuru gusumba igihe atari bwagararize, yemeza ko ivyo vyavuye mur'ukwo kurya ico camwa. Ntabimenyetso vy'urupfu yabona muri we.IY 17.4

    Aca afata ingingo yo kubita mu rudubi. Atora mubiganza vya Eva, n'ingoga na n'ingoga, vya vyamwa ararya, hanyuma kurya kwa Eva, ntiyiyumvamwo ubwo nyene ingaruka mbi zavyo.IY 18.1

    Umwidegemvyo wo guhitamwo w'umuntu-lmana yari yabwiye abavyeyi bacu bambere ibijanye n'igiti kimenyekanisha ikibi n'iciza, bari bazi vyose vyerekeye ukurwa kwa Satani hamwe n'akaga ko kwumviriza ivyiyumviro. Imana ntiyabimye ububasha bwo kurya kugiti yababujije. Yabasize bameze nk'abantu bafise uburenganzira bwo kwizera Ijambo ryayo, wubahiriza ivyagezwe vyayo, no kubaho, canke kwizera umugerageji, bakagambarara, hanyuma bakarimbuka.IY 18.2

    Urukundo rw'akaroruhore hamwe n'amahoro hamwe n'umunezero uryoshe vyabavuyeko, hanyuma mu gishingo cavyo haza ukubura ikintu biza kuribo mu buryo batari bwigere babona imbere y'aho. Hanyuma ubwa mbere bashira akatuzo kabo kubiri hanze. Ntibari bambitswe impuzu ahubwo bari batwikiriwe n'umuco nk'uko ibiremwa vyo mw'ijuru vyari. Uwo muco wari ubatwikiriye wari wagiye. Kugira ngo bikureko ico kigumbagumba c'ukubura ikintu no kwambara ubusa biyumvamwo, barondera ubwoko runaka bw'umwambaro ku mibiri yabo. Kuko none, ni gute bari guhangana n'ijisho ry'lmana hamwe n'abamarayika batambaye?IY 18.3

    Satani umunezero wari wamurenze kubw'iyo ntsinzi. Yari yagerageje umugore ngo ntiyizere Imana, gushira amahinyu mu bwenge bwayo, no kugerageza kunyengetera imigabo yayo yuzuye ubwenge bwose. Biciye muri we yari yatembeje Adamu, kubw'urukundo yari afitiye Eva, agambararira itegeko ry'lmana barwana nawe. Uhoraho agendera Adamu na Eva araheza ababwira ingaruka z'umugararizo wabo. Uko bumva ukwegereza guhambaye kw'imirindi y'lmana, bagerageza kwinyegeza ngo ntibahange amaso uwo bahora banezerererwa guhura nawe igihe bari bakiri mu kutamenya ikibi no mu kuba abagorotsi. “Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at'uri hehe? Aramwishura, ati Numvise ijwi ryawe mw'itongo, ndatinya kuko ndi gusa, ndinyegeza. Aramubaza, ati Ni nde yakubwiye ko wambaye ubusa? Mbega nti wariye kuri ca giti nakubujije kuryako?”IY 19.1

    Uhoraho yabajije iki kibazo, atari kubera ko yari ikeneye kumenya amakuru, ahubwo kugira ngo yemeze uwo muryango wa babiri. Ni gute mwamaramaye mukagira ubwoba? Adamu aremanga ko yagararije, atari kubera ko yihanye ukugarariza kwiwe gukomeye, ahubwo ari ukugira ngo ate impane ku Mana. “Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampfaye ku vya ca giti, ndarya.” Imana iherako ivugana n'umugore: “lco wakoze ico n'igiki?” Eva yishura ati, “Inzoka yampenze, ndabirya.”IY 19.2

    Umuvumo- Uhoraho araheza avugana n'inzoka ati: “K'Ukoze ivyo, ubaye ikivume mu bitungano vyose no mu bikoko vyose vyo mw'ishamba: uzohora ukwega inda hasi, uzorya umukungugu imisi yose y'ukubaho kwawe.” Nk'uko inzoka yari yarashizwe hejuru y'ibindi bikoko vyo mw'itongo, yari igiye gukoroka ikaba munsi yavyo hanyuma ikankwa urunuka n'abantu, kubera yabaye inzira satni yakoreyemwo. Imana iraheza ibwira Adamu iti, “Ko wumviye ijwi ry'umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y'ukubaho kwawe; rizohora rikumerera imikere n'ibitovu, ariko uzotungwa n'ibirimano vyo mu ndimiro; kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzohesha ivyo kurya uz'urinde usubira mw'ivu, kuko ari ryo wakuwemwo: ur'umukungugu, kand'umukungugu ni wo uzosubiramwo.”IY 19.3

    Bari bahejeje kumenyeshwa ko urugo rwabo Edeni barutakaje. Bari bemeye ubuhendanyi bwa satani hanyuma bemera amajambo ya Satani, ko Imana ishobora kubesha. Biciye mur'ukwo kugaba kwabo bari bugururiye inzira Satani ngo abashikire mu buryo bworoshe, ntivyari kuba umutekano kuri bo kuguma mw'ltongo rya edeni, mu kuba bamaze kuba mu caha hanyuma bagashika ahari igiti c'ubugingo hanyuma bakabandanya ubuzima bw'icaha. Baraboboteje Imana ngo bemererwe kugumayo, naho bemera ko batakaje uburenganzira bwo kuba mu munezero wa edeni. Barasezeranye ko muri kazoza bari kugamburukira Imana imbere muri bo. Babwirwa ko ukurwa kwabo bava ku kubaho atakibi kibagira ntankomezi bari bungutse, bari bagiye rero kegenda bagira inkomezi nkeya ivyo navyo bikaba bitabemerera kuguma ari abanyakuri n'intamuheba mu gihe bamaze kumenya ko batsinzwe. Bumvise buzuye mu buryo bwimbitse kurusha ibihe vyose umubabaro no kwicuza. Niho rero batahura ko ingero y'icaha ari urupfu.IY 20.1

    Abamarayika baratumwe ubwo nyene kuja gucungera inzira igana kugiti c'ubugingo. Wari umugambi Satani yari yarize w'ukugeneAdamu na Eva bashobora kugambararira Imana, bagashikirwa n'uburake bwayo hanyuma bakarya ku giti c'ubugingo, kugira ngo babandanye ubuzima bw'icaha. Mugabo rero abamarayika bera bararungitswe kuzibira inzira yobajana ku giti c'ubugingo. Hirya no hino n'abo bamarayika harasagirana imishwarara y'umuco impande zose, ivyo navyo bikaboneka nk'inkota zica ibibatsi.IY 20.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents