Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca gatanu: Ukubohorwa

    Na ntaryo Imana yamana ubwoko bwayo, n'iyo boba bari kurushi kure n'iyo ugereranije n'abayigararije. Nk'akarorero, abantu umunani bonyene-Nowa n'umuryango wiwe-binjiye mu bwato Imana yabwiye Nowa ngo yubake bube ubuhungiro bwo gukira umwuzure. Enoki yagendanye n'lmana mu bihe hari uguhakana Imana ku rugero runini. Imana yahamagaye Aburahamu ngo ave aho yavukiye hanyuma aje i Kanani. Abamukomotesko, bahavuye bamenyekana nk'Abisirayeli, babayeyo kugeza amapfa abajanye muri Egiputa, aho bahavuye bahindukira abagurano. lyi nkuru iratangaje y'ingene Imana yabohoye abari babaye mu buja bw'Abanyegiputa imyaka irenga igihumbi imbereya Kristo.IY 26.1

    Imyaka myinshi abana ba Isirayeli bari mu buja bw'abanyegiputa. Imiryango mike gusa niyo yari yaramanutse ija muri Egiputa, mugabo bari bamaze kurwira. Kandi bitewe n'uko bari bakikujwe n'abasenga ibigirwamana, benshi baratakaje ukumenya Imana y'ukuri hanyuma bibagirwa ivyagezwe vyayo. Baraheza bifatanya n'abanyegiputa mu gusenga izuba, ukwezi n'inyenyeri kwabo, hadasizwe inyuma ibikoko hamwe n'ibishushanyo, ibikorwa vy'amaboko y'abantu.IY 26.2

    Yamara mu Baheburayo hariho bamwe bagumanye ukumenya Imana y'ukuri, Umuremyi w'ijuru n'isi. Abagumyeari intamuheba barahamwe, mu mubabaro wabo bararira baririra Uhoraho ngo ababohore abakura mu buja bw'Abanyegiputa, aho bashobora guhurira n'ugusenga ibigirwamana hamwe n'ubwaku bwanduza bwari bubakikuje.IY 26.3

    N'aho Abisirayeli bari barandujwe n'ugusenga ibigirwamana, ab'intamuheba bagumye bashikamye. Ntibari bahevye ukwizera kwabo, ahubwo baremenga icese imbere y'Abanyegiputa ko bakorera Imana imwe y'ukuri kandi iriho. Babisubiramwo ibimenyamenya vy'ukubaho kw'lmana hamwe n'ubushobozi bwayo bubonekera mu vyaremwe. Abanyegiputa bari bafise akaryo ko kumenya ukwizera hamwe n'lmana y'Abaheburayo. Bari baragerageje kuzimanganya imyizerere y'intamuheba zasenga Imana y'ukuri, kandi barababara kubona batashoboye, vyaba biciye mw'iterabwoba, vyaba gusezeranirwa ingabirano, canke mbere n'ugutwazwa ituntu.IY 26.4

    Abami babiri ba nyuma bari bagiye kungoma ya Egiputa batwaza umukazo bari baramereye nabi cane Abaheburayo. Abakurambere b'Abisirayeli bari baragerageje gutera intege abari bafise ukwizera kwariko kurasoma nturi kw'Abisirayeli mukubibutsa isezerano ry'lmana kuri Aburahamu hamwe n'amajambo ya gihanuzi ya Yosefu gato imbere y'uko apfa, avuga bitaraba ko bazobohorwa bakava muri Egiputa. Bamwe baravyumvise kandi baranavyizera. Abandi nabo baraba ayo bagowe hanyuma ntibizere.IY 27.1

    Farawo yishima avuga ko akeneye kubona ingene Imana yabo ishobora kuza kubakura mu biganza vyiwe. Ayo majambo yarasenyuye ivyizigiro vya benshi mu b'lsirayeli. Uko ibintu vyari bimeze vyaboneka nk'uko umwami n'abahanuzi biwe bari bavuze. Bari bazi ko bafatwa nk'abaja kandi ko babwirizwa kwihanganira urugero urw'ari rwo rwose rw'ugutwazwa ituntu basebuja n'ababagaba bashobora kubashirako. Abana babo b'abahungu barahizwe baricwa. Ubuzima bwabo ubwabo wari umutwaro, kandi bizera bakongera bagasenga Imana yo mw'ijuru.IY 27.2

    Hanyuma rero barateba bigereranya n'Abanyegiputa, batizera namba mu Mana nzima ifise ububasha bwo gukiza canke kurimbura. Bamwe bo muri bo basenga ibigirwamana, ibishushanyo bibajwe mu biti n'amabuye, mu gihe abandi bahisemwo gusenga izuba, ukwezi, hamwe n'inyenyeri. Yamara bari bateye imbere kandi batunze. Maze Abaheburayo bamwe biyumvira ko nimba Imana isumba izindi mana zose, ntiyari kubareka ngo babeho ari abaja bajakariye ihanga risenga ibigirwamana.IY 27.3

    Igihe cari kigeze kugira ngo Imana yishure amasengesho y'abantu bayo bakandamijwe no kubakura muri Egiputa ibakujeyo ibimenyetso vy'inkomezi vyerekana ubushobozi bwayo ku buryo Abanyegiputa bazemera ko Imana y'Abaheburayo, abo bari baragaye, iri hejuru y'izindi mana zose. Imana yari igiye gushira hejuru izina ryayo, kugira ngo ayandi mahanga aze yumve ivy'ubushobozi bwayo kandi ahinde agashitsi kubw'ivyo bikorwa vy'inkomezi, kandi kugira abantu bayo, babonye ibikorwa vyayo bitangaje, bashobore guhindukira rwose bave mu gusenga ibigirwamana maze bahereko bayisenge mu buryo butagira amahinyu.IY 28.1

    Mu kubakura muri Egiputa, Imana yarerekanye mu buryo butomoye kubanyegiputa bose imbabazi zayo zidasanzwe ku bantu bayo. Kubera ko Farawo ata yindi nzira yari kunyurwamwo, Imana yabonye ko bikwiye guca imanza zayo kuri we, kugira ngo amenye biciye mubikorwa bibi ko ubushobozi bw'lmana buri hejuru y'ubundi bwose. Yari igiye gutanga ibimenyamenya bitomoye kandi bidaharirizwa ku mahanga yose vyerekana ubushobozi bwayo hamwe n'ubutungane bwayo, kugira ngo izina ryayo ritangazwe mw'isi yose. Imana yashaka ko ukwo kwerekana ubushobozi bwayo bukomeza ukwizera kw'ubwoko bwayo, kandi ko n'abazobakomokako bazosenga mu bwizigirwa yonyene yabakoreye utwumiza twuzuye imbabazi.IY 28.2

    Inyuma y'icagezwe ca Farawo gisaba abantu gufyatura amatafari badafise ubwatsi, Mose yamutangarije ko Imana, iyo yigira ngo ntazi, igiye kuzomutuma amanika amaboko hanyuma akemera ubushobozi bwayo nk'Umutware ari hejuru ya bose.IY 28.3

    Ivyago-lbitangaza vyo guhindura inkoni inzoka hamwe n'uruzi amaraso ntivyanyiganyije umutima ukomantaye wa Farawo kugira ngo areke Isirayeli igende, ahubwo vyamugwirije urwanko yanka Abisirayeli. Igikorwa c'abanyamareba camushikanye k'ukwibaza ko Mose yakoze ivyo bitangaza kubw'amareba. Yamara rero, icago c'ibikere gikuweho, yaronse ibimenyamenya birengako ko atari uko yavyibaza. Imana yari gushobora kubikuraho bikazimangana maze bigacika umukungugu mu kanya isase, mugabo ntiyabikoze uko, kugira ngo inyuma yo gukurwaho vyavyo, umwami hamwe n'Abanyegiputa ntibahave bavuga ngo vyavuye mu mareba, nk’uko igikorwa c'abanyamareba kiri. Ivyo bikere vyarapfuye, hanyuma abantu batangura kubirunda mu birundo. Barashobora kubona biriko birabora imbere yabo, ivyo navyo bigatera ko akayaga katari keza muri Egiputa. Aha umwami hamwe n'Abanyegiputa bari bafise ibimenyamenya ko ivyiyumviro vyabo bigaragara bidashobora kubironkera insiguro, ko ico gikorwa atari amareba ahubwo ari urubanza ruvuye ku Mana yo mw'ijuru.IY 29.1

    Abanyamareba ntibashobora kuzana imibu, iyo nayo ikaba ari yo yakurikiye mu vyago. Imana ntiyabemereye ko binaboneka kuri bo canke kubanyegiputa bashobora gutuma haboneka icago c'imibu. Yakuyeho urwitwazo rwose Farawo yari afise rwo kutizera. Yateye n'abanyamareba ubwabo kuvuga ngo: “uru n'urutoke rw'lmana.”IY 29.2

    Haciye hakurikira icago c'amasinzi y'ibibugu. Ntizari nka za sazi zitubuza amahoro mu biringo bimwe bimwe kandi ata rwara zituriye. Ahubwo, ibibugu Imana yazanye kuri Egiputa vyari binini binini kandi bifise ubumara. Imboyi zavyo zarababaza baba abantu vyaba n'ibikoko. Imana ishira itandukaniro hagati y'ubwoko bwayo n'abanyegiputa maze ntiyemerera ko hagira ikibugu na kimwe kiboneka aho baba.IY 29.3

    Uhoraho araheza rero arungika icago c'indwara y'akaryama mu masho yabo, mugabo ubwo nyene iziguriza amasho y'Abaheburayo, ku buryo ata na rimwe mu matungo yabo yapfuye. Hanyuma haza icago c'ibihute haba ku bantu haba no kubitungano, kandi abanyamareba ntibashoboye kuvyirinda. Uhoraho aca arungika kuri Egiputa icago c'uruvange rw'urubura ruvanze n'umuriro, harimwo n'imiravyo mbere n'imituragaro. Ikiringo icago cose kizomara catangwa imbere y'uko gishika, kugira ngo ntihagire n'umwe avuga ngo vyashitse ku gihamana. Uhoraho yeretse Abanyegiputa ko isi yose iri musi y'itegeko ry'lmana y'Abaheburayo-imituragaro, urubura, hamwe n'igihuhusi vyumvira ijwi ryayo. Farawo, wa mwami w'umunyabwishime yari yigeze kubaza ngo: “Uhoraho ni nde, kugira ngo numvire ijwi ryiwe?” aca aca bugufi maze aravuga ati: “Naracumuye ...: Uhoraho aragororotse, kandi abantu banje nanje turi abanyakibi.” Asaba Mose ngo amusabire ku Mana, kugira ngo ico cago c'ubugesera c'imiravyo n'imituragaro gihagarare.IY 30.1

    Uhoraho yakurikijeko icago giteye ubwoba c'inzige. Umwami ahitamwo kwakira ivyago mu gishingo co kwumvira Imana maze ngo areke Abisirayeli bave muri Egiputa. Atakwicuza yarabonye ubwami bwose buri musi y'igitangaro c'iri teka riteye ubwoba. Uhoraho araheza arungika umwiza kuri Egiputa. Abantu ntibari babuze umuco mu buryo busanzwe, ahubwo icuka cari ikiteye ububabare, ku buryo guhema vyari bigoye. Abaheburayo bobo, yamara, bari bafise icuka kitarimwo ingorane hamwe n'umuco iwabo.IY 30.2

    Imana izana ikindi cago giteye ubwoba, coco gikaze gusumba ibindi vyose vyari vyaje imbere. Umwami hamwe n'abaherezi basenga ibigirwamana nibo bari bagararije igisabo canyuma ca Mose. Abanyagihugu bobo bashaka ko Abaheburayo bemererwa kuva muri Egiputa. Mose agabisha Farawo hamwe n'Abanyegiputa, hamwe mbere n'Abisirayeli, kubijanye n'imero hamwe n'ingaruka y'icago ca nyuma-imfura yo mu rugo rwose yari igiye gupfa. Iryo joro, ryabaye ribi cane ku Banyegiputa kandi rikaba iry'ubwiza ku bwoko bw'lmana, itegeko ry'imbonekarimwe rya Pasika ryaratanzwe.IY 30.3

    Vyari bibabaje ku mwami wa Egiputa hamwe n'abantu bishima basenga ibigirwamana kwemera ivyo Imana yo mw'ijuru isaba. Icago inyuma y'icago biza kuri Egiputa, maze umwami arateba aremera yemejwe n'ivyashitse biteye ubwoba vy'uburake bw'lmana.IY 31.1

    Icago cose cari cateye gisatira kandi kirusha ico gikurikiye, mugabo iki coco cari kigiye kuba igiteye ubwoba gusumba ibindi vyose vyari vyacitangiye imbere. Ariko wa mwami w'umunyabwishime yari yatewe n'ishavu rirenze urugero, aranka guca bugufi. Abanyegiputa babonye imyiteguro ihambaye iriko irakorwa n'Abisirayeli kubw'iryo joro riteye ubwoba, barakengereye ikimenyetso c'amaraso Abisirayeli bamijagiye kubishimaryango.IY 31.2

    Abisirayeli bari bakurikije ivyo Imana yari yavuze, hanyuma mu gihe marayika w'urupfu yarengana ava ku nzu imwe aja ku yindi mu Banyegiputa, bobo bari biteguriye bose urugendo rwabo kandi barindiriye ngo uwo mwami w'umugarariji hamwe n'abishikira biwe ngo babareke bagende.IY 31.3

    “Kandi nko mu gicugu Uhoraho yica abana b'imfura bose bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo nyen'ingoma, ukageza ku mfura y'umuguranokazi w'umusyi; kandi n'ivy'uburiza vyose vy'ibitunzwe birapfa. Farawo aravyuka mw'ijoro, we, n'abasuku biwe bose, hamwe n'Abanyegiputa; haba umuborogo ukomeye muri Egiputa, kuko ata rugo na rumwe rutapfuyemwo umuntu.” “Araheza ahamagara Mose na Aroni mw'ijoro, maze arababwira ati: ‘Haguruka, mugende muve mu bantu mwebwe n'abana ba Isirayeli. Maze mugende, mukorere Uhoraho nk'uko mwabivuze. Kandi mujanane n’amasho n'imikuku yanyu, nk'uko mwabivuze, kandi mugende; nanje mumpezagire.’”IY 31.4

    “Maze abanyegiputa basaba abo bantu, kugira ngo babarungike bave mu gihugu kare. Kuko bavuze bati, ‘Twese twopfa.’ Maze abo bantu batora umutsima wabo imbere y'uko wambirwa, bafise kandi n'utwato twabo tuboheye ku mpuzu zabo kubitugu. Ico gihe abisirayeli bari bakoze nk'uko ijambo rya Mose ryari, bari basavye Abanyegiputa utugenegene tw'ifeza n'utw'izahabu hamwe n'impuzu. Kandi Uhoraho yari yahaye ubwoko bwiwe gutona mu maso h'Abanyegiputa, ku buryo babakoreye ico bashatse cose nk'uko bakibasavye. Uko niko banyaze Abanyegiputa.”IY 32.1

    Uhoraho yari yahishuriye Aburahamu nk'imyaka amajane ane imbere y'uko biba: “Uhoraho abarira Aburamu, at'umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzoba inyambukira mu gihugu kitari icabo, kandi bazokorera beneco, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane; maz'iryo hanga bazokorera nzoricakw'iteka: ariko amaherezo bazorivamwo, bakuyey'ubutunzi bwinshi.” Itanguriro 15:13, 14.IY 32.2

    “Igugu ry'ikivange c'abanyamahanga ryajanye nabo, hamwe n'amatungo n'imikuku-vy'ibitayega bijana nabo.” Abisirayeli basohoka muri Egiputa bafise ivyabo, bitari ivya Farawo, kuko ntibari barabimugurishijeko, Yakobo n'abahungu biwe bari bajanye n'amasho n'imikuku vyabo muri Egiputa. Abisirayeli bari bacitse amasinzi, amasho n'imikuku yabo yari yarwiriye cane. Imana yaciriye iteka Abanyegiputa mu kubasukako ivyago, maze bituma banyaraguritsa Abisirayeli ngo bave mu gihugu ca Egipita n'ivyo bari bafise vyose.IY 32.3

    Inkingi y'umuriro-“N'uko bafata urugendo rwabo bava I Sukoti maze basagaza ahitwa Etamu kw'ikebero ry’ubugaragwa. Maz'Uhoraho abaja imbere umusi ku wundi ari mu nkingi y'igicu yabaja imbere, hanyuma ijoro ryashika mu nkingi y'umuriro kugira ngo ibahe umuco, kugira ngo bagende haba ku murango haba mw'ijoro. Ntiyigeze akuraho iyo nkingi y'igicu ku murango canke inkingi y'umuriro mw'ijoro imbere y'abantu.”IY 32.4

    Inyuma y'aho Abaheburayo bagiriye bava muri Egiputa haheze imise mike, Abanyegiputa babwira Farawo ko bahunze kandi batazogaruka kumukorera. Baricuza icatumye babarekura ngo bagende bave muri Egiputa. Rwari uruhombo runini cane kuri bo kubura ibikorwa Abisirayeli babakorera, maze baricuza cane kubona baremeye bakabareka ngo bagende. N'ukugene bari biboneyeko iteka ry'lmana, barakomantaza imitima kubw'ubugarariji bwabo budatezura bagera aho bafata ingingo yo kwoma inyuma y'Abisirayeli no kubagarukana muri Egiputa ku gahato. Umwami afata abasirikare benshi cane hamwe n'imikogote amajana atandatu, babaja inyuma, babashikira bageze ku kiyaga ariho basagaje.IY 33.1

    “Farawo abegereje, Abisirayeli bunamura amaso, babona Abanyegiputa babomye inyuma, baranduka imitima; maze batakambira Uhoraho. Babaza Mose, bati; ‘Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa? N'iki catumye utugirira urtyo, kudukura muri Egiputa?”IY 33.2

    “lki si co twakubwira tukiri muri Egiputa, tuti Tureke, dukorere Abanyegiputa? Kukw'iciza, kwar'uko dukorera Abanyegiputa, hako dupfira mu bugaragwa.”IY 33.3

    “Mose yishura abantu, ati Nta co Mutinya: mwihagararire gusa, murabe Agakiza Uhoraho agira ngw'abazanire uyu musi kuko Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi. Uhoraho ni we agira ngw'abarwanire, namwe ni mwinumiregusa.”IY 33.4

    Gutabarwa kukiyaga gitukura-“Uhoraho abaza Mose, ati N'iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende. Nawe umanike inkoni yawe, uramvure ukubobo hejuru y'ikiyaga, ugitandukanye: Abisirayeli bace hagati mu kiyaga nko ku musozi.IY 33.5

    Nanje raba, ndakomantaza imitima y'Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no kubagendera ku mafarasi biwe.IY 34.1

    Abanyegiputa ni ho bazomenye yuko nd'Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no kubagendera ku mafarasi biwe.IY 34.2

    Maz'umumarayika w'lmana yahora abagenda imbere, avayo, agaruka inyuma yabo; ya nkingi y'igicu iva imbere yabo, iraza ihagarara inyuma yabo, ija hagati y'ingabo z'Abanyegiputa n'iz'Abisirayeli; ku ruhande rwa bamwe hubikiza igicu, hacura umwiza, ku ruhande rw'abandi haba umuco wo kubonesha mw'ijoro: ntibaruha begerana iryo joro ryose”IY 34.3

    Abanyegiputa ntibashobora kubona Abaheburayo, kubera igicu kigizwe n'umwijima munini wari imbere yabo-ico gicu cari umuco ku Bisirayeli. Gurtyo Imana yerekanye ububasha bwayo bwo gushira abantu ku munzane, nimba bashobora kuyizigira inyuma yo kubaha ibimenyamenya nk'ivyo vyo kubitwararika n'urukundo ibafitiye, no kubagaya ukwidodomba n'ukutizera vyabaranze. “Nuko Mose aramvura ukuboko hejuru y'ikiyaga; Uhoraho ahuhutisha umuyaga mwinshi uvuye I burasirazuba, ukesha ijoro ryose, usubiza ikiyaga inyuma, amazi ayagabanyamwo kubiri, ahindura ikiyaga ahumutse.” Amazi arahagarara ku mpande zose amera nk'impome z’umurombero, mu gihe Isirayeli yagendera ku musozi hagati mu kiyaga gitukura.IY 34.4

    Abasirikare b'abanyamisiri bariko barigina intsinzi iryo joro kubona Abisirayeli basubiye mu maboko yabo. Biyumvira ko atayindi nzira ihari yo kubatoroka, kuko imbere hari Ikiyaga Gitukura, kandi amasinzi y'Abasirikare ba Egiputa yari inyuma yabo. Mu gitondo; baje kwitegereza ikiyaga, basanga hariho inzira yumutse, amazi agabanijwemwo kabiri nk'imirombero impande zose, kandi Isirayeli yasa n'iyigeze hagati na hagati mu kiyaga iriko irajabuka, bagenda ahumutse. Abanyegiputa bararindira akanya gato kugira ngo barabe ico bagiye gukora. Bari baguye mu kantu kandi bafise ishavu ryinshi ku buryo, igihe Abaheburayo bari basa n'abari musi y'ukuboko kwabo, kandi bakaba batakeka ko babacakira, inzira ititezwe ikabugururirwa mu kiyaga. Baca bafata ingingo yo kubakurikira.IY 34.5

    “Abanyegiputa na bo babakurikira hagati mu kiyaga babomye inyuma, n'amafarasi ya Farawo yose, n'imikogote yiwe, n'abagendera ku mafarasi biwe.IY 35.1

    Nuko mu gicugu ca nyuma Uhoraho acishiriza ari mu nkingi y'umuriro n'igicu, arunguruka ingabo z'Abanyegiputa, azica ivutu. Atuma amagurudumu y'imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. Maz'Abanyagiputa baravugana, bat'Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk'Uhoraho abatabara, ari we aturwanya.”IY 35.2

    Abanyegiputa barubahutse barigerezako mu nizira Imana yateguriye abantu bayo, hanyuma abamarayika b'lmana baca hagati ingabo zabo baraheza bakurako amagurudumu y'imikogote yabo. Barwa mu cago. Gutera imbere kwabo kwari ukwikwega cane, hanyuma batangura guhagarika umutima. Bibuka iteka Imana y'Abaheburayo yari yabarekuriyeko mu kubateza kurekura Isirayeli ngo igende, hanyuma biyumvira ko Imana ishobora kubarekurira bose mu maboko y'Abisirayeli. Baca bafata ko Imana iriko irarwanira Abisirayeli, barahagarika imitima cane hanyuma batangura guhindukiza imikogote yabo ngo babahunge, aho Imana ibwiriye Mose iti: “Ramvura ukuboko hejuru y'ikiyaga, amazi ateranire ku Banyegiputa no kumikogote yabo no ku bagendera ku mafarasi bo muri Nuko Mose aramvura ukuboko hejuru y'ikiyaga; umutwenzi utambitse, ikiyaga gisubira muri nyina; maz'Abanyegiputa bagize ngo barahunga, Uhoraho abacurikiraniriza hagati mu kiyaga, nuko amazi asubirayo, arengera imikogote n'abagendera ku mafarasi, mbere n'ingabo za Farawo zose zari zigiye mu kiyaga zikurikiye Abisirayeli; ntiharokoka n'umwe wo muri bo. Ariko Abisirayeli baciye hagati mu kiyaga nk'abaca ku musozi, amazi ababera nk'umurombero i buryo n'i bumoso.IY 35.3

    Uko niko Uhoraho yakijije Abisirayeli kur'uwo musi, abakura mu maboko y'Abanyegiputa. Maz'Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n'umusavyi wiwe Mose.”IY 36.1

    Abaheburayo bamaze kwibonera ibikorwa bitangaje vy'lmana mu kurimbura Abanyegiputa, bafataniriza hamwe mu kuririmba ururirimbo ruhishuwe rusamirana rw'akataraboneka no gushima Imana n'umutima wose.IY 36.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents