Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca cumi na kabiri: Ihema

    Ubugorozi bwa giporotestanti bwubutse kugira ngo buhangane n'amakosa menshi ya Roma. Abagorozi barahagurukiye ibindi bibazo, vyafashwe minenerwe kuva kera, babonye mu Vyanditswe. Nko mu kinjana ca cumi n'icenda, umwitwarariko w'ukuza kwa Yesu wariko urakura mu biga Bibiliya bo mu madini n'ibihugu bitandukanye. Benshi bari biteze ko biba mu gice ca mbere c'ico kinjana. Uwo mwitwarariko wari ukaze bidasanzwe muri Amerika, aho abari babirimwo bari bazwi nk’ “Abadevantiste.” Bisunze mubuhanuzi bushingiye ku gihe bwo muri Daniyeli 8:14 buvuga ivyo guhumanurwa kw'ihema, bari biteze ko Yesu aza agahumanura isi mu mwaka w'1844. Ivyo, aho bitabereye, bamwe mu ribo baragiye barasesa Bibiliya kugira ngo batahure impamvu.IY 112.1

    Ihema ryo mw'isi n'iryo mw'ijuru_Mu matohoza yabo, abo bigana umwete Bibiliya bahakuye ko ihema ryo mw'isi, iryo Mose yari yarubatse abitegetswe n'lmana kandi yisunze ikigereranyo c'iryo yeretswebkumusozi Sinayi, ryari “ikigereranyo c'igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi.” Abaheburayo 9:9. Batahura ko ibibanza vyaryo bibiri vyera vyari “ibigereranyo ry'ibiri mw'ijuru”; iryo Kristo, umuherezi wacu Mukuru, “akorera ahera, no mw'ihema nyakuri, ryashinzwe n'Uhoraho Atari abantu”; kandi ko Kristo “atinjiye ahera cane hakozwe n'intoke, h'ikigereranyo cah'ukuri, ariko yinjiye mw'ijuru ubwaho, kugira ngo none aduserukire imbere y'inyonga z'lmana.” Abaheburayo 9:23; 8:2; Abaheburayo 9:24.IY 112.2

    Ihema ryo mw'ijuru, iryo Yesu akoreramwo kubwacu, niryo nyakuri rihambaye, ry'ihema Mose yubatse nk'ikigereranyo. Nk'uko ihema ryo mw'isi ryari rifise ibihimba bibiri canke ivyumba bibiri, ahera n'ahera cane, niko hari ibibanza vy'ahera mw'ijuru. Isandugu ry'isezerano ririmwo ivyagezwe vy'lmana, igicaniro c'imibavu, hamwe n’ibindi bikoresho vyaba biri mw'ihema ryo kw'isi navyo nyene vyari bifise bigenzi vyavyo mw'ihema ryo mw'ijuru. Mw'iyerekwa ryera intumwa Yohana yaremerewe kwinjira mw'ijuru, hanyuma aho niho yabonye ibiterekwako amatara hamwe n'amatara, hamwe n'igicaniro c'imibavu, kandi igihe “urusengero rw'lmana rwari rwuguruye,” abona kandi “isandugu ry'isengero ryayo” Ivyahishuwe 4:5; 8:3; Ivyahishuwe 11:19.IY 112.3

    Abariko bararondera Ukuri baronka ikimenyamenya kidahinyuzwa ko ihema ririyo mw'ijuru. Mose yubatse ihema ryo mw'isi yisunze iryo yeretswe. Pawulo avuga ko iryo yabonye ari ryo ryari ihema ry'ukuri, riri mw'ijuru (Abaheburayo 8:2, 5). Yohana yashinze intahe ko yaribonye mw'ijuru.IY 113.1

    Mu mpera y'imisi 2300, mu mwaka w'1844, nta hema ryari kw'isi ibinjana vyinshi. Rero, ihema ryo mw'ijuru ribwirizwa kuba iryavuzwe muri iri jambo ngo “buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n'amajana atatu, niho ahantu hera hazobona guhumanurwa.” Daniyeli 8:14. Mugabo none ni gute ihema ryo mw'ijuru ryari gukenera kwezwa? Basubiye ku Vyanditswe Vyera, abo banyeshure b'ubuhanuzi biga ko guhumanurwa kutari ukwo gukura umucafu wo mu buryo buboneka, kuko kwabwirizwa gukorwa kubw'amaraso, gurtyo rero kwabwirizwa kuba uguhumanurwa ku caha. lyo ntumwa ivuga iti: “Nuko vyari bibereye kw'ibigereranyo vy'ivyo mw'ijuru vyozwa n'ivyo bimazi, ariko, ivyo mw'ijuru ubwavyo bikozwa n'ibimazi biruta ivyo [mbere amaraso y'igiciroya Kristo].” Abaheburayo 9:23.IY 113.2

    Kugira ngo baronke ubumenyi burenze ubwo kuguhumanurwa ubwo buhanuzi bwerekezako, bari bakeneye gutahura ivyakorerwa mw'ihema ryo kw'isi. Bashobora kwiga ibi biciye mu vyakorerwa mw'ihema ryo mw'isi gusa, kuko pawulo avuga ko abaherezi bakorerayo bakorera “igishushanyo n'igitutu c'ivyo mw'ijuru” Abaheburayo 8:5.IY 113.3

    Guhumanurwa kw'ihema_Kera, nk'uko ivyaha vy'abantu vyashirwa, mu buryo bw'ikigereranyo, mw'ihema ryo mw'isi n'ugutanga amaraso, niko ivyaha vyacu, navyone, bishirwa kw'ihema ryo mw'ijuru n'amaraso ya Kristo. Kandi nk'uko uguhumanurwa kwo mu buryo bw'ikigereranyo kw'ihema ryo mw'isi kwakorwa biciye mu gukuraho ivyaha vyaba vyarihumanije, niko no guhumanurwa kw'iryo mw'ijuru gukorwa biciye mu gukuraho, gusibanganya, ivyaha vyandikwayo. Ibi bisaba guca irya n'ino ibitabo vyandikwamwo kugira hamenyekane umuntu, biciyemu kwihana icaha hamwe no kwizera Kristo, abereye kuronka ibiva mu mpongano yiwe. Kwezwa kw'ihema rero gusaba igikorwa c'urubanza rw'itohoza. Iki gikorwa kibwirizwa gukorwa imbere y'uko Kristo aza gucungura abantu biwe, kuko niyaza, impera yiwe izoba iri kumwe nawe kugira ngo agerere umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze. (Ivyakozwe n'lntumwa 22:12.)IY 114.1

    Uko niko ababandanije gukurikirana umuco waguma utera imbere w'ijambo ry'lmana babonye ko mu gishongo co kuza kw'isi mu mpera z'imisi 2300 mu mwaka w'1844, Kristo yaciye rero yinjira ahera cane ho mw'ihema ryo mw'ijuru, aho Imana iri, kugira ngo arangure igikorwa ca nyuma c'impongano, ategura ukuza kwiwe.IY 114.2

    Ubutumwa bw'imbonekarimwe_Aho Kristo yinjira ahera cane ho mw'ihema ryo mw'ijuru kugira ngo akore igikorwa ca nyuma c'impongano, yahaye abasuku biwe ubutumwa bwa nyuma bw'imbabazi bwo kubwira isi. Uku ni kwa kugabisha kwa marayika wa gatatu wo mu Vyahishuwe 14. lyo ntumwa ibona ko igikurikira ukwamamazwa kwakwo, Umwana w'umuntu aca aza mu bwiza n'icubahiro gusarura ivyimburwa vyo kw'isi.IY 114.3

    Ibintu biteye ubwoba kurusha ibindi vyoba vyarigeze kubwirwa umuntu apfa biri mu butumwa bwa marayika wa gatatu (Ivuahishuwe 14:9-12). Bibwirizwa kuba ari icaha c'ubuyobe gituma uburake bw'lmana bumanuka butavanze n'imababazi. Abantu ntibakwiye gusigazwa mumwijima kubijanye n'iki kintu. Ukugabisha kubijanye n'iki caha kubwirizwa guhabwa isi imbere yo gushika kw'imanza z'lmana, kugira ngo bose bamenye ko izi manza zizoshika kandi ko bashobora kuronka akaryo ko kurusimba.IY 114.4

    Mubijanye n'ibizovamwo, imirwi ibiri, itandukanye, iraboneka. Mumurwi umwe hariyo umuntu wese “asenga ca gikoko n'igishushanyo caco, hanyuma agashirwako ikimenyetso kuruhanga canke ku kiganza,” gurtyo rero bakaba bizaniye urubanza ruteye ubwoba rwerekanwa na marayika wa gatatu. Uwundi murwi, udasa n'isi, ni abo “bitondera ivyagezwe n'lmana kandi bafise ukwizera Yesu.” Ivyahishuwe 14:9,12.”IY 115.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents