Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 16 - Abakurambere B'ingenzi

    Abagorozi b’abongereza naho bateye umugongo inyigisho z’ishengero ry’i Roma, hariho imwe mu migenzo yaryo bagumanye. Nubwo bihakanye ububasha n’inyigisho nshimikiro yaryo, ibitari bike mu migenzo yaryo hamwe n’integuro zabo zo gusenga, ishengero ryo mu Bwongereza ryaravyisunze rirabikoresha. Bavuga ko ivyo ataco vyonona ku kwemera kw’umutimanama w’umuntu; kandi ko Ivyanditswe bitabibuza, kandi rero ko bitari bikenewe; mbere ko bitari bibujijwe, umuntu ntiyobifata nk’ikibi. Abantu babaremesha bababwira ko ukuvyubahiriza bituma imanga itandukanya ishengero ry’i Roma hamwe n’amashengero yemera ubugorozi itera izimangana; kandi ko vyari gufasha abagatolika bakemera ukwizera inyigisho z’abaprotestanti zishira imbere.IB 211.3

    Ibi bavuga vyarafashije abantu bipfuza ko ibintu vyoguma uko vyamye, bakama barondera aho bohurira, bakumvikana. Ariko hariho uwundi murwi w’abantu wabona ibintu mu yindi nzira. Kubera ko iyo migenzo 4tyafatwa nk’ikiraro gihuza Ishengero ry’i Roma hamwe n’ubugorozi” (Martyn, Volume , page 22), iyo mpamvu yonyene yari ikwiye kugira ngo ntibayemere. Bayiraba nk’ikimenyetso c’ubuja bamaze kwigobotoramwo kandi batiyumvira gusubiramwo. Biyumvira ko Imana n’ijambo ryayo yashinze ivyo kwisunga kandi ko ata burenganzira abantu bafise bwo kugira ico bongeyeko canke bakuyeko. Intango ya mbere y’ubuhakanyi buhambaye kwabaye ukurondera gusubiriza ububasha bwimana ubw’ishengero. Ishengero Gatolika ry’i Roma ryatanguye buhoro buhoro risotera ivyo Imana itari yabujije, hanyuma impera n’imperuka rishika aho ribuza ivyo Imana yari yarekuye ku mugaragaro.IB 211.4

    Abantu benshi bipfuza gusubira ku kwizera kw’ishengero ryo hambere kwarangwa no kuba gutunganye kandi kwiyoroheje. Imigenzo myinshi Ishengero ryo mu Bwongereza ryari ryubakiyeko bayibona nk’urwibutso rw’ubuhakanyi; kandi umutimanama ntiwabakundira kuvyisunga mu gusenga. Ariko rero kubera yuko Ishengero ryari rishigikiwe n’ubutegetsi bw’igihugu, ntiryemera ko habaho ikwicamwo imigwi kubera ico. Rero itegeko ry’igihugu ryasaba umuntu wese kwitaba integuro z’lshengero kandi amakoraniro yo gusenga adasabiwe uburenganzira ngo aburonke yari abujijwe, abahirahira naho bakabirengako bahanishwa gufungwa, kwangazwa canke kwicwa.IB 212.1

    Mu ntango z’ikinjana ca cumi n’indwi, umwami yari yimitswe ku ntebe mu Bwongereza yamenyesheje ko azokora uko ashoboye kugira ngo abipfuza ko ibintu biguma uko vyahoze “abashire ku murongo babe nk’abandi, canke... abasunikire hanze y’igihugu mbere vuba vuba, canke ahandi hose hateye ubwoba.”(George Bancroft, History of the United States of America, pt. 1, ch. 12, par. 6.) Kubera guhigwa buhongo, guhamwa no gufungwa, nta vyizigiro vy’ibihe vyiza babona muri kazoza, kandi benshi bashitse aho biyumvira ko umuntu yipfuza gukorera Imana nk'uko umutimanama wiwe wiyumvira ata kibanza afise co kuba mu Bwongereza. “Ubwongereza ntibwari bukiri ahantu habereye kuba.”(J. G. Palfrey, History of New England, ch. 3, par. 43.) Mu nyuma vyabaye ngombwa ko bamwe barondera ubuhungiro mu Buholande. Bahuye n’ingorane, batakaje ibintu vyinshi kandi bashizwe mu mabohero. Barababurabuje mu ntumbero bari bafise kandi barabagurishije, abansi babo barabafata. Ariko ukwihangana kwabo kudahugumba kwaratsinze, maze baronka ubwugamo mu migerero ya Repubulika y’Ubuholande.IB 212.2

    Nta kintu na kimwe bahunganye. Amazu yabo, ivyo batunze n’ivyo bakoresha mu kubaho babisiga inyuma. Bari abanyamahanga mu kindi gihugu, hagati y’abantu badasangiye ururimi, batanasangiye n’imigenzo. Vyari nkenerwa kuri bo ko batangura bushasha bakagerageza ibikorwa vyose vyotuma baronka ikibatunga. Abantu bamaze guhumura, igihe cabo cose bakimaze barondera ikibatunga mu kurima, noneho bategerezwa kwiga imyuga ata muntu arinze kubibagoberamwo. Ariko ivyo baravyemeye banezerewe ntibarinda gutakaza umwanya mu kurera amaboko canke mu kwidoga. Naho kenshi baba bugarijwe n’ubukene, barashimira Imana kubera imigisha yabandanya kubahunda, maze bakanezerezwa n’ukudakomakomwa mu kwizera kwabo. “Bari bazi ko ari ingenzi, ni co catumye badashinga cane ijisho ivyo bintu, igihugu cabo cakunda, maze ivyiyumviro vyabo biratekanirwa.” (-Bancroft, pt. 1, ch. 12, par. 15.)IB 212.3

    Nubwo hari mu buhungiro, kandi mu bihe bigoye, ukwizera hamwe n’urukundo vyabo vyari bikomeye. Barizigira amasezerano y’Imana kandi Imana ntiyigeze ibatererana mu gihe c’ubukene. Abamarayika bayo bama iruhande yabo, bakabaremesha kandi babakomeza. Kandi igihe cose ukuboko kw’Imana kwasa n’ukubereka ko bakwiye kujabuka ikiyaga, bakaja mu gihugu abantu bari kuronka ubugerero, kandi bagasigira abana babo iragi ry’agaciro ry’umwidegemvyo mu kwemera; barateye intambwe bigirwa imbere badakekeranya, batumbera inzira Imana yariko irabarongoramwo.IB 212.4

    Imana yari yemeye ko ingorane zishikira abantu bayo kugira ngo ibategure kuzoshira mu ngiro imigambi yari ibafitiye. Ishengero ryari ryacishijwe bugufi kugira ngo mu nyuma rize rishirwe hejuru. Imana yagomba kwerekana ububasha bwayo ku neza y’lshengero, kugira ngo yereke isi ikindi kimenyamenya ko itazokwigera yirengagiza abo bose bayizigira. Imana yari yaretse abantu barengerwa n’ingorane kugira ngo ishavu rya Satani n’imigambi mibi y’abantu ibikoreshe mu gushira hejuru icubahiro cayo no mu kujana abantu bayo mu kibanza kirimwo umutekano. Agahamo n’uruhungo vyuguruye inzira y’umwidegemvyo.IB 213.1

    Aho bagoberwa ubwa mbere kwitandukanya n’ishengero ryo mu Bwongereza, “aba Puritani” bashize hamwe icese, bisunze isezerano nk’abantu b’Umwami bidegemvya, bagendera hamwe mu nzira ziwe “bamenyeshejwe canke bari kuzomenyeshwa.” (J. Brown, The Pilgrim Fathers, page 74.) Aha ni ho habonekera iciyumviro c’ukuri c’Ubugorozi, ingingo nshimikiro y’abaprotestanti. Iyi ngingo ni yo yaranze izo ngenzi aho zava mu Buholande zikaja kugerera mu gihugu kitari bwamenyekane. Yohana Robinson, umupasitori wabo, uwo ukuboko kwTmana kutashimye ko abaherekeza, ariko arabasezera, yabashikirije aya majambo:IB 213.2

    “Bavukanyi, harageze aho dutandukana, kandi Umwami arazi nimba nzokwongerwa akandi karyo ko kubonana namwe amaso mu yandi. Ariko nimba Umwami yabitegekanije uko canke ntabitegekanye, ndabasavye imbere y’Imana n’imbere y’abamarayika bahezagiwe bayo, kuzonkurikira mu rugero nanje nakurikiyemwo Kristo. Nimba Imana ishobora kugira ikindi kintu na kimwe ibahishurira ikoresheje uwundi muntu wayo, murame mwiteguye kwakira ukuri kwose nabashikirije muri iki gikorwa; kuko ndizigiye ntakekeranya, Umwami aracafise ukuri n’umuco vy’inyongera azohishura akuye mw’ijambo ryiwe ryeranda.” (Martyn, Vol 5, pg.70).IB 213.3

    “Ku binyerekeye, sinshobora ku buryo buhagije kureka kubabazwa n’ingene amashengero yumvise kandi akakira ubugorozi ameze, yashitse ahantu agahinduka idini, ariko muri kano kanya adashobora gushika kure y’aho abo Imana yaciyeko ngo batanguze Ubugorozi bageze. Abayoboke ba Luther ntibashobora kwinanata ngo bashike kure y’ivyo Luther yabonye.. ..kandi nk'uko mubibona, abayoboke ba Calvin, baracari ha handi uwo muntu ahambaye w’lmana yabasize, ariko kandi ntiberetswe ibintu vyose. Aya ni amagorwa mu yandi atoreka kuturiza. Kuko nubwo mu gihe cabo abo bakozi b’Imana babaye amatara amurika, ariko ntibinjiye ngo bashike mu mpanuro zose z’lmana; ariko iyo bari kuba bakiri ho, bari kwipfuza kurondera kurushirizaho kumenya umuco uruta uwo bakiriye ubwa mbere, bakawumenyekanisha.” (D. Neal, History of the Puritans, vol. 1, p. 269.)IB 213.4

    “Mwibuke isezerano mwagiranye n’ishengero aho mwemeye ko muzogendera mu nzira zose z’Umwami, izo mwamaze kumenya canke muzomenyeshwa. Mwibuke ivyo mwasezeranye kandi mwapfunditse n’Imana hamwe n’abagenzi banyu, ko muzokwakira umuco n’ukuri kwose muzomenyeshwa kuvuye mu majambo Umwami yanditse; ariko n’ubu, niko bimeze, muragabe, ndabinginze; ico mwakiriye nk’ukuri, murakigeze, mugishire ku munzane w’ibindi vyanditswe vy’ukuri imbere y’uko muvyemera; kuko ntibishoboka ko ishengero rukristo rihejeje kuva ejo bundi mu mwiza w’umuzitanya mu vya Mpwemu, rishobora kuwusanzaza rimwe na rimwe maze ngo rishike ku kumenya kunengesereye.” (Martyn, vol.5, pp.70,71 ).IB 213.5

    Ukurondera umwidegemvyo w’umutimanama ni vyo vyasunitse izo ngenzi zemera kwigerezako mu gufata urugendo rurerure ziriko zirajabuka ibahari; zemera guca mu bihe bikomeye no gushikirwa n’ingorane zo mu bugaragwa, maze kubwo imihezagiro yimana, zirashikira inkombe z’ikiyaga, zigerera muri Amerika, zitanguza umushinge w’igihugu gihambaye. Ariko nubwo bari abantu b’abizigirwa kandi batinya Imana, izo ngenzi ntizigeze zitahura iyo ngingo ihambaye y’umwidegemvyo w’idini. Umwidegemvyo bagiriye akigoro, bakawuruhira kugira ngo bawuronswe, ntibari biteguye kuba bowuronsa abandi ku rugero bo bawuronseko. “Abantu bakeya cane, mbere no muri abo biyumvira cane canke bari bafise amajambo ahanura kandi aremesha bo mu kinjana ca cumi n’indwi, ntibatahura neza ico iyo ngingo ihambaye yasigura, iyo ngingo yaboneka mwisezerano rishasha kandi ikaba yerekana ko Imana yonyene ari yo muco mwiza wo kwizera kw’umuntu.” (Ibid., vol. 5, p. 297.) Inyigisho y’uko Imana yahaye Ishengero uburenganzira bwo kugenzura umutimanama w’umuntu, kandi rikamenyesha ikinyoma ico ari co kandi rigatako rikagihana, ni imwe mu nyigisho zarushije izindi gutsimbataza imizi y’ikinyoma c’ubupapa. Nubwo abagorozi bateye ivyatsi iyo nyigisho ntavuguruzwa yishengero ry’i Roma, ariko ntibari bavavanuye rwose n’agatima ko kutihanganira abandi.IB 214.1

    Mu gihe Ishengero ryari rifise ubutware mu minwe, umwiza w’umuzitanya ubupapa bwari bwaratwikirije ubukristo wamaze igihe kirekire, ntiwari bweyurwe rwose. Umwe mu barongozi b’abakozi bimana wo mu ntara yari mu bukoroni y’i Massachusset Bay yaravuze ati: “Ukwihanganirana ni vyo vyatumye isi yanka ubukristo; kandi Ishengero ntiryigeze ribabazwa n’uko ryahambariye abigisha inyigisho zitari zo.”(Ibid., vol. 5, p. 335.) Hariho itegeko ryahavuye ryemezwa n’abatware b’iyo ntwaro yari mu bukoroni yuko abayoboke bishengero bonyene aribo bafise ico kuvuga mu ntwaro y’igihugu. Aho rero Ishengero risa nk’uko ryegamiye Leta ryari rimaze gushingwa, abantu bose basabwa kugira ico batanze kugira ngo bashigikire uburongozi bw’ishengero kandi abashinzwe amabanga mu gihugu bari barekuriwe kwankiriza inyigisho zitari zo. Uko niko ubutware bw’igihugu bwagiye mu minwe yishengero. Ntivyatwaye umwanya muremure izo ngingo zidashikanye ahantu zitari guca i ruhande: “Agahamo”.IB 214.2

    Haheze imyaka cumi n’umwe hashinzwe intara ya mbere bigaruriye, Roger Williams yaraje muri Amerika. Yaje nawe kwirabira ivyiza vy’umwidegemvyo mu kwemera nk’uko ingenzi zo hambere zari zavyiboneye; ariko ku buryo butandukanye nazo, yabonye -- ico abantu bake bo mu gihe ciwe bari bamaze kubona - yuko uwo mwidegemvyo ari uburenganzira ntabanduka ku bantu bose; utarinze kuraba ingingo nshimikiro y’ukwemera kwabo. Yari umuntu arondera yivuye inyuma kumenya ukuri, hamwe na Robinson baremera yuko ukuri kwose kw’ijambo ryimana kutarakirwa. Roger Williams yabaye umuntu wa mbere mu bihugu rukristo bishasha yashizeho ubutegetsi bw’igihugu yisunze inyigisho y’ukwidegemvya kw’umutimanama, hamwe n’uburinganire bw’ivyiyumviro imbere y’amategeko.(Bancroft, pt.l, ch 15, par. 16). Yaramenyesheje ko ari ishingano y’abajejwe amabanga y’igihugu ko barwanya ubugizi bwa nabi ariko ko badakwiye guhirahira kurondera kugenzura umutimanama w’umuntu. Yavuze ati: ” Umutware canke uwujejwe amabanga y’igihugu arashobora gufata ingingo y’ico umuntu abwirizwa gukorera uwundi; ariko iyo bagerageje kugenera umuntu ivyo akwiye gukora imbere yimana, baba barenze akarimbi, kandi nta mutekano ushobora kuboneka muri ico gihe; kuko ni ikintu cumvikana ko nimba umuntu ajejwe amabanga y’igihugu afise ubushobozi, arashobora gushiraho ingingo nshimikiro y’ivyiyumviro canke y’ivyizerwa uyu musi, ejo naho agashiraho iyindi; nk’uko abami n’abamikazi batandukanye bo mu bwongereza babikoze; co kimwe nk’uko vyakozwe n’abapapa batandukanye canke amanama ya bose mw’ishengero Gatolika ry’i Roma; ku buryo ukwizera kwohava guhinduka ikintu kidafise ihangiro umuntu wese yotahura uko agomba. (Martyn, vol. 5, pp. 340).IB 214.3

    Kwitabira integuro z’ishengero ryari ryashinzwe n’igihugu cari ikintu gisabwa kwubahirizwa kugira ntucibwe ihadabu canke ngo bagupfunge. Roger Williams yariyamirije iryo tegeko; iryo yise ingingo irusha izindi kuba mbi mu gitabo c’amategeko y’Ubwongereza; iyo nayo akaba atari iyindi uretse iyitegeka abantu ku nguvu kuza gusenga mw’ishengero ryashinzwe na Leta. Kugobera abantu ngo bifatanye n’abafise ingingo nshimikiro y’ukwemera itandukanye n’iyabo, yabibona nko kurengera akarimbi uburenganzira kama bw’umuntu; gukwegera mu masengero ya bose abantu batagira idini biyitirira canke batayiyumvamwo, bisa nko kurondera gusasira indava uburyarya.. Nta muntu n’umwe yari akwiye kugobererwa gusenga canke nk’uko yavyongeyeko, “yosabwa kwama yagiye gusenga ariko umutimanama wiwe utabimurekurira.” Abakeba biwe baratangaye bumvise inyigisho ziwe maze baravuga bati: “None Yesu ntiyavuze yuko umukozi aberwa n’agahembo?” Nawe yarabishuye adakekeranya ati: ” Ego, ariko agahabwa n’abamukoresha.”(Bancroft, pt. 1, ch. 15, par.2).IB 215.1

    Roger Williams yari umuntu yubashwe kandi akundwa nk’umukozi w’umwizigirwa, umuntu afise impano zidasanzwe, umuntu w’inyankamugayo adahugumba kandi yitanga atiziganije; ariko kuba yarahakanye n’umwitwarariko mwinshi ko abajejwe amabanga y’igihugu bagira ububasha kw’ishengero, hamwe no kuba yarasavye ko hobaho umwidegemvyo ku bemera, ntibavyihanganiye. Gushira mu ngiro iyi ngingo nshasha, “uko niko vyavugwa”, vyari guhava bihungabanya umushinge nshimikiro w’igihugu na Leta. (Ibid., pt. 1, ch. 15, par. 10.) Bamuciriye urubanza rwo kwangazwa akava muri ivyo bihugu - kandi impera n’imperuka, kugira yirinde ko bomufata yarahunze, mu gihe hari hakanye cane kandi hariho ibitutira, ahungira mw’ishamba ritari bwigere rimenwa.IB 215.2

    Yashinze intahe avuga ati: mu gihe kingana n’indwi cumi na zine, “nabonye abantu mu gihe ibihe vy’umwaka bitari vyoroshe, ntazi ico gufungura canke kuryama bisigura. Ariko nagaburiwe n’ibikona mu bugaragwa kandi ikinogo cari mu giti cambereye ubwugamo.(Martyn, vol.5, pp. 39,350). Uko niko yabandanije uruhungo rwiwe rugoye aca ahantu huzuye urubura hamwe no mw’ishamba ry’umuzitanya, gushika aho yaronse ubuhungiro mu muryango w’abahindi wahavuye umugiramwo icizere kandi ukamukunda kubera ko yakoze uko ashoboye kugira ngo awigishe ukuri kw’ubutumwa bwiza.IB 215.3

    Yarabandanije inzira yiwe hanyuma inyuma y’amezi menshi yo guhindura ibibanza no kuyerera atazi iyo ariko araja, yashitse ku nkombe y’ibenga rya Narragansett, aho yashoboye gushinga igihugu ca mbere co mu bihe biteye imbere, cubahirije mu buryo bwuzuye uburenganzira bw’umwidegemvyo mu kwemera. Ingingo ngenderwako y’ico gihugu gishinzwe na Roger Williams yari “Uko umuntu wese akwiriye kuronswa uburenganzira bwo gusenga Imana akurikije uko umutimanama wiwe umaze kumurikirwa n’umuco ” (Ibid., vol. 5, p. 354.) Iyo ntara yiwe ntoya, Rhodes Island, yahavuye ihinduka ubuhungiro kuri abo batotezwa, kandi ubwaku bwayo bwariyongeye maze iratera imbere gushika aho ingingo nshimikiro zayo - umwidegemvyo w’umuntu mu vyiwe no mu vyo yemera- wabaye ibuye ry’imfuruka ya Repubulika ya amerika.IB 215.4

    Mu gitabo kinini c’aho hambere abatuboneye izuba bashize ahabona nk’icemezo c’uburenganzira bw’abantu n’itangazo ry’ukwikukira, baramenyesheje bati: ” Uku ni ukuri twemera nk’ikimenyamenya ko abantu bose baremwe bangana; kandi ko Uwabaremye yabakomoreye uburenganzira budasubirwako harimwo ubuzima, umwidegemvyo, no kurondera kunezerwa.” Kandi itegeko nshingiro, mu majambo yumvikana neza, rirashigikiye yuko umutimanama w’umuntu udakwiriye kuvogerwa:“Nta muntu bazobanza kuraba ivyo yemera kugira ngo ashobore gushingwa amabanga y’ubwizigirwa mu gihugu, muri Leta zunze ubumwe z’Amerika”. Inama nshingamateka ntikwiriye kuzogira itegeko ifata rijanye no kwemerera Ishengero runaka gushingwa canke ryo kubuza irindi kurangura mu mwidegemvyo ibikorwa vyaryo.”IB 216.1

    “Abateguye ibwirizwa nshingiro baremeje ko ari ingingo yamaho yuko imigenderanire y’abantu n’Imana iri hejuru y’amategeko yoshingwa n’abantu, kandi ko uburenganzira bw’umutimanama budasubirwako. Ntivyari nkenerwa yuko abantu babanza guharira kugira ngo bemeze ukwo kuri; umuntu wese arakwiyumvamwo imbere i bwina bwiwe. Uwo mutimanama ni wo washigikiye abamaratiri hagati yo kubabazwa no mu mbeya z’umuriro, ku buryo burengeye kure ugutahura kw’umwana w’umuntu. Bariyumvamwo yuko kwubaha Imana kwabo kwari kurengeye kure amategeko y’abantu kandi ko ata n’umwe afise uburenganzira bwo guha itegeko umutimanama w’umuntu. Iyo ni ingingo ndemanwa ngenderwako idashobora guhanagurwa n’ikintu na kimwe “(Congressional documents (U.S.A.), serial No. 200, document No. 271.)IB 216.2

    Ubwo amakuru y’igihugu aho umuntu wese anezezwa no kwimbura ibikorwa vy’amaboko yiwe kandi akubahirizwa muvyo umutimanama wiwe wemera yakwiragira mu bihugu vyose vya Buraya, abantu ibihumbi bakimbukiye kuja muri ico gihugu gishasha, Amerika. Intara abantu bagenda babamwo zariyongeye. “Kubwo itegeko ridasanzwe, Massachusetts, yaha ikaze mu mwidegemvyo n’ubufasha ku bakristo bava mu bihugu bitandukanye baba bahunze bakajabuka iyo bahari Atlantike kugira ngo babe mu bwigobeko bw’inzara canke indwano, canke agacinyizo k’ababatoteza, ataco barinze gutanga. Uko niko impunzi hamwe n’abari barakandamijwe bahindutse kubwo amategeko abanyagihugu babushitse”. (Martyn, vol.5, p.417 ). Mu myaka 20 yakurikiye umurwi wa mbere w’abashikiye i Plymouth, aba ingenzi isinzi zagerereye mu ntara ya New England.IB 216.3

    Kugira ngo bakingire uwo mwidegemvyo bari baraharaniye igihe kirekire, “bashimishwa no kubaho ubuzima busanzwe; barangwa n’ibikorwa kandi bigerera. Isi ntibayibaza ibirushirije ariko ibigereranye n’igikorwa baba baranguye. Ntibemera guhendwa n’ivyiyumviro bibereka ko mu nzira yabo huzuye izahabu... bashimishwa n’ingene buhoro buhoro bama batera intambwe idasubira inyuma mu vyo batunze hamwe no mu mibano. Barihanganira ubukene bwo mu bugaragwa, bakavomeresha amarira yabo n’icuya cabo igiti c’umwidegemvyo, carushirizaho gushinga imizi ibwina mw’isi.IB 216.4

    Bibiliya bayifata nk’umushinge w’ukwizera, isoko ry’ubukerebutsi hamwe n’isezerano ry’umwidegemvyo. Ingingo zayo ntabanduka barazigishanya ubwenge mu mihana, mu mashure no mu rusengero kandi ivyamwa vyayo vyarabonekera mu buhinga, mu bwenge, mu kwirinda ukwiyanduza hamwe no mu kwigerera. Umuntu yarashobora kubaho imyaka myinshi aho aba Puritano bagerereye ariko ntiyigere abona imborerwa, canke ngo yumve umuntu arogota canke ngo ahure n’umuntu asabiriza.” (-Bancroft pt. 1, ch. 19, par. 25.) Cari ikintu kigaragarira bose ko ingingo ngenderwako za Bibiliya ari uburinzi bwizigirwa butuma igihugu gikomera. Intara zari zifise uburyo buke kandi zari ahantu hazonyene zarateye imbere zishika ku runani rw’ibihugu bikomeye kandi isi yose yaratangariye amahoro n’iterambere vyaranga “ishengero ritarimwo umupapa, hamwe n’igihugu kitatwarwa n’umwami.”IB 217.1

    Igitigiri c’abantu babandanya kuza muri Amerika carushirije kwiyongera, kandi bamwe bari basunitswe n’impamvu zitandukanye rwose n’iz’ ingenzi zo hambere. Nubwo ukwizera no kwirinda kwiyanduza vyari akaranga aho hambere vyaboneka ahatari hake kandi bifise n’ubushobozi buhindura abantu, ubwaku bwavyo bwagiye bugabanuka ukurikije uko igitigiri c’abarondera inyungu z’isi cagenda ciyongera.IB 217.2

    Ababaye aba mbere mu gushika muri Amerika bagatangura gushinga intara zigenga, bahavuye bemeza itegeko, rirekurira abayoboboke b’ishengero bonyene uruhusha rwo gutora no gushingwa amabanga mu ntwaro y’igihugu, ryabashikanye ahantu harusha ahandi kuba habi. Iyi ngingo yari yemejwe ngo ishobore kuba yofasha gukingira igihugu ukwiyanduza, yahavuye igishikana aho ishengero ari ryo ryiyanduje. Kubera yuko kuba umunyedini ari vyo vyari vyagizwe ikintu kirekurira umuntu kuja mu matora canke gushingwa amabanga mu gihugu, benshi nta kindi cabasunika uretse gusa gukurikirana inyungu z’isi; bifatanije n’ishengero ariko imitima yabo ntiyahinduka. Uko niko amashengero yahavuye, gushika ku rugero rumwe, abamwo abantu batihanye; kandi mbere no mu bakozi b’ishengero harabonekamwo abantu batigisha gusa inyigisho zitari izo ukuri, ahubwo batari bazi n’ubushobozi butyorora bwa Mpwemu Yera. Uko niko kandi hongeye kuboneka ingaruka mbi, zama zashitse mu mateka y’ishengero kuva mu gihe ca Constantino gushika n’ubu, zo kurondera kwubaka Ishengero ukoresheje inguvu z’igihugu; zo kugerageza kwishigikiza ubutegetsi bw’igihugu kugira ngo ushigikire ubutumwa bwiza bwa wa Wundi yigera kuvuga ati: “Ubwami bwanje si ubw’iyi si.” (Yohana 18:36. ) Ukwifatanya kw’ishengero na Leta, n’ubwo kwoba kuri ku rugero rubayabaye, n’aho gushobora kuboneka nk’uko kwotuma isi yegera ishengero, ahubwo mu vy’ukuri gutuma ishengero kuba ari ryo ryegera isi.”IB 217.3

    Ingingo nyamukuru ngenderwako yashigikiwe cane na Robinson hamwe na Roger Williams, yuko ukuri kugenda kwiyongera; yuko abakristo bakwiriye kwama biteguye kwemera umuco wose ijambo ryera ryimana rishobora kutumurikira, yaribagiranye hagati y’ababakomotseko. Amashengero y’abaprotestanti yo muri Amerika hamwe mbere n’ayo mu Buraya, yari yagiriwe ibakwe ku rugero rwo hejuru mu kwakira imigisha y’Ubugorozi, yarananiwe no kubandanya atera imbere muri iyo nzira y’umuvyuro. Nubwo hagiye haboneka abantu bake bahaguruka, rimwe na rimwe, bagashikiriza ukuri gushasha, kandi bagatunga urutoke amakosa abantu bagenderamwo igihe kirekire; abantu benshi, nk’abayuda mu gihe ca Yesu canke nk'abayoboke ba Papa mu gihe ca Luther, bashimishwa no kugira ukwizera nk’ukw’abavyeyi babo, mbere bakanabaho nk’uko babayeho. Rero n’aha nyene idini ryahindutse nk’ikintu co guheza umugenzo; kandi amakosa hamwe n’ibintazi vyari kuba vyarashizwe ku ruhande iyo ishengero ribandanya kugendera mu muco w’ijambo ry’Imana, vyahawe ahubwo ikabanza n’agaciro. Uko ni ko buhoro buhoro agatima kari kakabuwe n’Ubugorozi kahenebereye, gushika aho vyabonetse ko hakenewe umuvyuro ukomeye mu mashengero y’aba protestanti nk’uko wari ukenewe mw’ishengero Gatolika mu gihe ca Luther. Ugukunda ivy’isi hamwe no gusubira inyuma mu vya Mpwemu, ni vyo vyari bisigaye biboneka; ivyiyumviro vy’abantu vyari vyongeye guhabwa agaciro kandi inyigisho z’ijambo ry’Imana bari bongeye kuzisubiriza iz’abantu.IB 217.4

    Ugukwiragizwa kwa Bibiliya mu myaka ya mbere y’ikinjana ca cumi n’icenda, hamwe n’umuco wamurikiye isi, ntivyakurikiwe ku buryo buringaniye n’iterambere mu bumenyi bw’ukuri kwari kwahishuwe, canke no kubaho ubuzima bwubakiye kw’idini. Satani ntiyashobora, nk’uko vyagenze no mu bihe vya mbere, kwaka abantu ijambo ry’Imana; wasanga abantu bose bashobora kurishikira. Ariko kugira ngo ribandanye kurangura igikorwa caryo, ryatumye benshi bariha agaciro kabayabaye. Abantu bagize urwangara rwo gusoma ivyanditswe, ariko babandanya kwemera insiguro zavyo atari izo ukuri hamwe no guha agaciro inyigisho zidafise ishingiro muri Bibiliya.IB 218.1

    Amaze kubona ko utwigoro twiwe two kurandurana n’imizi ukuri akoresheje agahamo ataho tumushikanye, Satani yongeye kuvyura umugambi wo kugira ibintu abantu bumvikanyeko ari nawo watumye habaho ubuhakanyi bukomeye n’ishirwaho ry’Ishengero ry’i Roma. Yahimirije abakristo ngo baje mu runani, noneho batifatanya n’abapagani, ariko bifatanya n’abo, kubwo uguhahamira cane ibintu vy’isi, berekanye ubwabo ko mu vy’ukuri bunamira kandi basenga ibishushanyo bibajwe mu biti. Kandi ugushira hamwe kw’abo bantu ntikwabuze kuzana ingaruka z’ubugesera nk’uko vyashitse no mu bihe vya mbere; ubwibone hamwe no kurazwa ishinga no gushimwa na bose ni vyo vyari vyatsimbatajwe mu kibanza c’idini, kandi amashengero yari yamaze kwiyanduza. Satani yabandanije kugoreka inyigisho za Bibiliya kandi inyigisho zifatiiye ku migenzo y’abantu zari zirindiriye kuzimiza amasinzi zariko zirashinga imizi ibwina cane. Ishengero ryari risigaye ryaraguye canke rikingera izo nyigisho zifatiye ku migenzo y’abantu aho kuzigama “ukwizera kwigeze guhabwa aberanda igihe kimwe.” Uko ni ko ingingo ngenderwako abagorozi bari barashitseko mbere bagatotezwa bazibahora, zatituwe.IB 218.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents