Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 33 - Ikinyoma Cambere Gihambaye

    Satani yatanguye guhenda abantu kuva kera bakiremwa. Wa wundi yari yateye umugumuko mw’ijuru yarondeye ingene abantu baba kw’isi bokwifatanya nawe mu kurwanya intwaro y’lmana. Adamu na Eva bari babayeho mu munezero ntangere bubahiriza amabwirizwa y’Imana, kandi iki cari igishingantahe camaho gihinyuza ivyo Satani yakwiragije mw’ijuru, ko amabwirizwa y’Imana akandamiza kandi ko ahushanye n’ineza y’ivyaremwe vyayo. Kandi ikirengeye ivyo, Satani yaragize ishari ingene Adamu na Eva bataracumura bari bateguriwe aho kuba hateye igomwe. Yigiriye inama yo kubagwisha mu caha kugira ngo amaze kubatandukanya n’Imana, akabashira musi y’ubushobozi bwiwe, yategerezwa kwigarurira imitima yabo maze akahashinga ubwami bwiwe kugira ngo arwanye Isumbavyose.IB 374.4

    Iyo Satani yiyerekana uwo ari we muri kamere yiwe y’ukuri, yari gusubizwa inyuma rimwe na rimwe, kuko Adamu na Eva bari baronse imburi kuri uyo mwansi ateye ubwoba. Ariko yakoreye mu mwiza, akanyegeza intumbero ziwe, kugira ngo ashobore gushika yorohewe ku co yipfuza. Yiyoberanije mu nzoka, hanyuma mu kiremwa cari gifise ishusho iteye igomwe. Yabwiye Eva ati : « Mbega ni ivy’ukuri koko yukw’Imana yavuze, ngo ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo ?(Itanguriro 3 :1) Iyo Eva yirinda ntatangure guharira n’umurwanizi, aba yarakingiwe; ariko kubera yuko yihaye kuvugana na we, yaciye arwa mu mutego yari yateze. Uko ni ko abantu benshi n’ubu bagihendwa. Barakekeranya kandi bagaharira ku vyo Imana ibasaba gukora ; kandi aho kwubaha amabwirizwa yayo, bemera ivyiyumviro vy’abantu birerekera kandi bikanyegeza ububeshi bwa Satani.IB 375.1

    «Umugore yishura iyo nzoka, at’ivyama ku biti vyo mur’iri tongo twemererwa kubirya : arik’ivyama ku giti kiri hagati mw’itongo, ni ivy’Imana yatubujije ngo ntitubiryeko canke ngo tunabikoreko kugira ngo twoye gupfa. Iyo nzoka yishura wa mugore, iti haba n’intete ntimuzopfa ; kukw’Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko amaso yanyu azihweza mukamera nk’Imana kuvyo kumenya iciza n’ikibi.» (Itanguriro 3 :2-5) Yavuze yuko bazohinduka nk’Imana, bakaronka ubwenge bwinshi kuruta ubwo bari bafise kandi bagashobora kubaho ubuzima bwo hejuru budasanzwe. Eva yaremeye arahendwa maze kubera ubwaku bwiwe, Adamu akwegegwa na we mu caha. Baremeye amajambo inzoka yavuze yuko ivyo Imana yavuze atari vyo yiyumvira; barakuye icizere mu muremyi wabo maze biyumvira yuko yariko arababuza kwidegemvya kandi ko bategerezwa kuzoronka ubwenge bwari no gushirwa hejuru babaye bahonyanze amabwirizwa y’Imana.IB 375.2

    Ariko ico Adamu yakoze amaze gucumura, kiboneka nk’uko yari insiguro y’aya majambo : « Umusi wakiriyeko uzopfa ntakabuza ». None yoba yasanze afise insiguro nk’iyo Satani yari yabaryosharyosheje ngo bemere ko bashobora kuzobaho ubuzima bwo hejuru budasanzwe ? Ico gihe vy’ukuri hari kuba hariho ikintu ciza cane co kuronka mu kugabitanya, kandi Satani yari kuboneka nk’umugiraneza w’ikiremwa muntu ! Ariko ico Adamu yaronse yasanze atari insiguro y’ico Imana yari yaravuze. Amajambo Imana yari yashikirije nk’igihano ku caha ni uko umuntu azosubira mw’ivu yavuyemwo : « Uri umukungugu kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo. » (Itanguriro 3 :19) Amajambo ya Satani ngo « amaso yanyu azohumuka » aboneka ko ari ukuri muri ubu buryo bwonyene : inyuma yuko Adamu na Eva bari bamaze kugabira Imana, amaso yabo yarugurutse kugira ngo babone ubusazi bw’ivyo bakoze; baramenye ikibi ico ari co, kandi barahonjeje ku mumrazi w’icamwa co kugabitanya.IB 375.3

    Hagati mw'itongo rya Edeni hariho igiti c’ubugingo cari gifise ivyamwa bishobora gutuma umuntu abandanya kubaho. Iyo Adamu akomeza kugamburukira Imana, yari kubandanya kurekurirwa kurya kuri ico giti kandi yari kubaho ibihe vyose. Ariko igihe yacumura, yari amaze kwitandukanya no kuba yoshikira ivyamwa vy’ico giti, kandi yari arekuriye urupfu kuba rwomushikira. Ijambo rihambaye Imana yavuze ngo « wakuwe mw’ivu kandi ni ryo uzosubiramwo », ryerekana ko ubuzima buzozimangana.IB 375.4

    Ukudapfa kwari kwasezeraniwe umuntu kubwo ukugamburuka yarakwononye kubwo ukugabitanya. Adamu ntiyari kuronsa abamukomotseko ico atari afise, kandi ubwoko bwamaze kugwa mu caha nta vyizigiro bwari kugira iyo Imana idatanga umwana wayo ngo abashoboze gushikira ukudapfa. Mu gihe «Urupfu rushikira abantu bose kuko bose bacumuye », « Kristo we yaserurishije ubugingo no kudapfa ubutumwa bwiza.» (Abaroma 5 :12 ; 2 Timoteyo 1:10) Kandi muri Yesu gusa ni ho umuntu ashobora kuronkera ukudapfa. Yesu yaravuze ati : « Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’utumvira Umwana ntazobona ubugingo. » (Yohana 3 :36) Umuntu wese arashobora kuronswa uwo mugisha utagira igiciro mu gihe yoba yisunze ibisabwa kugira ngo awuronke. Abo bose : « barondera ubwiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira. » (Abaroma 2 :7)IB 375.5

    Satani ni we wenyene yasezeraniye Adamu ko yoronka ubuzima hamwe atogamburukira Imana. Kandi ijambo inzoka yabwiye Eva muri Edeni - « Ntaho muzopfa » - ni ryo ryabaye insiguro ya mbere yamenyekanye yemeza ko umuntu adapfa ngo ahere. Kandi rero ayo majambo ata kindi yubakiyeko atari ubushobozi bwa Satani, yama yahanahanywe, agasigurirwa icese ku ruhimbi, mu nsengero z’abakristo kandi akakirwa n’abantu benshi cane bakayemera nk’uko vyashikiye abavyeyi bacu ba mbere. Ijambo Imana yavuze ngo «Umuntu akora icaha niwe azopfa »(Ezekiyeli 18 :20), bagomba ko rigira iyi nsiguro : umuntu acumura ntazopfa ariko azobaho ibihe vyose. Umuntu ntiyobura gutangazwa n’ako kamaramaza ko kubona abantu bemera bitagoranye amajambo ya Satani ariko bakananirwa kwizera amajambo yimana.IB 376.1

    Inyuma y’icaha, iyo umuntu bamureka agashikira igiti c’ubugingo, yari gushobora kwamaho ibihe vyose, kandi aho rero icaha cari kuba gihawe akaryo ko kutazokwigera kizimangana. Ariko rero abakerubi bitwaje inkota zica ibibatsi bari batangiriye « inzira ija kuri ca giti c’ubugingo » (Itanguriro 3 :24); kandi nta muntu n’umwe wo mu muryango wa Adamu yari arekuriwe kurengana ico kirindiro maze ngo yamure kandi yihereze ico camwa catanga ubugingo. Rero nta munyavyaha adapfa ariho.IB 376.2

    Ariko rero, inyuma yo kurwa mu caha, Satani yaringinze abamarayika biwe ngo bagire akigoro kadasanzwe kugira ngo bemeze abantu ko umuntu adapfa ngo ahere; kandi iyo bashobora kugobera abantu bakemera ico kinyoma, bari kuba babajanye mu nzira ituma bemeza ko umunyavyaha azokwama mu magorwa ibihe vyose. Ubu rero umutware w’umwiza akoresha abamuyoboka kwerekana Imana nk’umugesera, bavuga ko ihindira muri Gehenomu abo bose batayihimbara, kandi ko ituma bama na ntaryo musi y’uburake bwayo ; kandi ko igihe baba bari mu mubabaro utagira izina kandi bigaranzurira mu muriro udahera, umuremyi wabo akurikirana ibiba biriko birabashikira anezerewe.IB 376.3

    Uko ni ko uwo mwansi karuhariwe afata ibiranga kamere yiwe y’ubugizi bwa nabi akavyambika Umuremyi n’Umugiraneza w’abantu. Ukugira nabi ni ukwa Satani. Imana ni urukundo kandi ikintu cose yaremye cari kidafise agasembwa, gitunganye, ari ic’igikundiro gushika aho icaha cazanywe n’uwatanguje kugumuka. Satani ubwiwe ni umwansi yakwegeye umuntu mu caha kandi iyaba yabishobora, arondera ukuntu yomuzimanganya; kandi iyo amaze kubona ko abantu abifatiye mu minwe, anezerezwa no kubabona mu kaga aba yabakwegeyemwo. Hamwe yoba abirekuriwe, abantu bose bogwa mu mutego wiwe. Iyo ubushobozi bw’Imana butitambika hagati, nta muhungu canke umukobwa n’umwe wa Adamu yari kurokoka.IB 376.4

    Satani yama yarondeye muri kino gihe kwigarurira abantu, nk’uko yabigenjeje ku bavyeyi bacu ba mbere ; yatumye bahugumba mu vyizigiro bari bafise mu muremyi wabo, maze abashikana aho bakekeranya ubukerebutsi bw’intwaro n’ubutungane bw’amabwirizwa yiwe. Satani hamwe n’intumwa ziwe bavuga ko Imana ari umugesera wo mu rwego rwo hejuru, ko ata wundi yonganya nayo mu bugizi bwa nabi. Ivyo babikora kugira ngo babone ingene bahenda abantu ngo bareke kubona ukugira nabi n’ubugumutsi vyabo. Umurwanizi karuhariwe arondera kwomeka kamere yiwe y’ikibi kibishe kuri Data wo mw’ijuru, kugira ngo ashobore kuboneka nk’umuntu yagiriwe nabi cane mu kuba yarirukanywe mw’ijuru, kuko atashobora kwemera kugamburukira « umutware arenganya nk’uyo ». Isi ayereka ko yari gushobora kugira umwidegemvyo musi y’ubutegetsi bwiwe, bikaboneka ko ari igihabane ubigereranije n'ubuja avuga ko yugaraniwemwo n’ingingo zitoroshe za Yehova. Uko niko bimushobokera gukura abantu ku kwubaha Imana.IB 377.1

    Inyigisho yuko ababi bapluye babarizwa mu muriro no mu mazuku vya Gehinomu, ihushanije n’ivyiyumviro vy’urukundo, ikigongwe n’ubutungane izokwamaho ku buryo ata wovyihanganira. Ariko rero iyo nyigisho yarakwiragijwe hirya no hino kandi n’ubu iraboneka mu ngingo zo kwizera z’amashengero rukristo amwe. Umuhinga yanonosoye inyigisho ku vy’Imana yaravuze ati : « Kubona imibabaro yo muri Gehinomu bizotera aberanda kunezerwa ku buryo budasanzwe ibihe vyose; igihe bazobona abantu bazoba basangiye akarangamutima nabo kandi bavutse mu buryo bumwe nabo, barengewe n’iyo mibabaro, ariko bo bakabona ukuntu ivyo bitabashikiye ; bizobatera kubona ingene bari mu buninahazwa. » Uwundi mu banonosoye ivyirwa nk’ivyo yakoresheje aya majambo: «Mu gihe igihano kizokwama kiriko kirabica bigacika ku bantu bashikiwe n'uburake bw’Imana, umwotsi uvuye mu kubabazwa kwabo uzokwama waduze, kugira ngo abagiriwe ubuntu bame bawuraba; aho kugirira impuhwe abo bazoba bariko barababazwa, bazovuga ngo Ameni! Alleluya ! Imana ishimwe! »IB 377.2

    Inyigisho nk’iyo iboneka hehe mw’ijambo ry’Imana ? Mbega abacunguwe mw’ijuru nta bigumbagumba vy’impuhwe n’akagongwe bazoba bakigira ? Mbega nta bigumbagumba biranga abantu bazoba bacerekana? Mbega bizoba vyasubiriwe n’ukwizera sindabibazwa kw’ibipfamutima canke ubugizi bwa nabi butagira uko bwovurwa bw’ibinyeshamba ? Oya ! Oya namba ! Iyo nyigisho ntiboneka mw’ijambo ry’Imana. Abashikirije ivyo vyiyumviro tumaze kubona aho haruguru bashobora kuba abantu banonosoye ibitari bike mu vyo umwana w’umuntu ashobora kumenya kandi ari imvuga kuri, ariko rero bararengewe n’ibinyoma Satani yahinguye. Yabarongoye mu nzira ataho ishikana yo guhindura ukutari ko inyigisho zihambaye zimwe zo mu Vyanditswe, imvugo yo gukoresha akayambika umururazi n’ububasha bimuranga we ubwiwe, bitari ivyo umuremyi. «Ndahiye uguhoraho kwanje, ni k’umwam’Uhoraho agize, simpimbarwa n’uko umunyavyaha apfa, atari uko yohindukira akava mu ngeso ziwe akabaho ; enda ni muhindukire mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; niki gituma mugomba gupfa? »(Ezekiyeli 33 : 11)IB 377.3

    Inyungu Imana yokura mu kunezererwa no kubona ababi bama barababazwa ibihe vyose ni iyihe ? Mbega yohimbarwa no kubona amarira, kwumva akaruru gasunitswe n’umubabaro canke imyidogo n’amaganya vy’abantu yugaraniye mu muriro wa Gehinomu ? Mbega urwamo nk’urwo ruteye ubwoba rwohinduka gute indirimbo iryohera amatwi y’uwufise urukundo rusiga ubwenge kandi rutagira aho rugarukira ? Biravugwa ko guhanisha ababi umubabaro wamaho vyozokwerekana ingene Imana yanka icaha nk’ikibi kinyengetera, kikabuza isi amahoro n’umutekano. Mbega amajambo y’ubuptu, yo kurogota ! Nk’uko vyoba nko kubona Imana yanka ikibi bihinduka akaryo kadasanzwe yuko kibandanya gukomera. Kubera yuko, wubakiye ku nyigisho z’abo bahinga mu vy’iyobokamana, umubabaro udahera, utagira ivyizigiro, wotuma abawurimwo bata umutwe, kandi mu gihe borushirizaho kwerekana ishavu bafise bavumana kandi bavuga amajambo y’amarogotano, boba bariko bararushirizaho kwongereza ibihe vyose umutwaro w’ibicumuro vyabo. Icubahiro c'Imana ntigishirwa hejuru no kubandanya ikibi hamwe no kugikomeza ibihe bidashira.IB 377.4

    Birarengeye ubushobozi bw’ubwenge bw’umuntu kuba yokwiha iciyumviro c’ikibi cazanywe n’iyo nyigisho y’ikinyoma yerekeranye n’umubabaro udahera. Idini rya Bibiliya, rirangwa n’urukundo hamwe n’ubwiza, kandi ryuzuye impuhwe, riratwikiriwe n’ibintazi kandi ryambitswe iterabwoba. Iyo tuzirikanye ikinyoma kigendesha amaguru Satani yaremetse kamere y’Imana, ntibitangaje kubona Umuremyi wacu yuzuye imbabazi bamutinya, bamugendera kure, kandi mbere bakamwanka. Ivyiyumviro biteye ubwoba ku Mana vyakwiragijwe hirya ho hino mu nyigisho zishikiririzwa ku ruhimbi, vyatumye abantu ibihumbi, ego abantu amamiliyoni, bakekeranya kandi ntibizera.IB 378.1

    Inyigisho y’umubabaro udahera ni imwe mu nyigisho z’ibinyoma zigize vino y’ubusambanyi bwa Babuloni, yaterekeshereje amahanga yose. Kubona abakozi ba Kristo barayemeye kandi bakayigisha icese ku ruhimbi rwera ni ikintu gisiga ubwenge. Bayironse bayihawe na Roma nk’uko bahawe isabato y’ikinyoma. Ego ni vyo yarigishijwe n’abantu bahambaye kandi beza; ariko umuco wabamurikiye kuri iki cigwa si wo watumurikiye twebwe. Bazobazwa umuco baronse bakemera ukabamurikira mu gihe cabo; tuzobazwa umuco twaronse ukatumurikira muri kino gihe. Hamwe twovirira igishingantahe c’ijambo ry’Imana, hanyuma tukemera inyigisho z’ibinyoma kubera yuko ari zo abatuboneye izuba bigishije, tuba turiko turasangira na we vino y’ubusambanyi bwiwe.IB 378.2

    Umugwi wagutse w’abantu batihanganira iyo nyigisho y’umubabaro w’ibihe vyose bagwa mu rundi ruhande rw’iyindi nyigisho itari yo, itandukanye n’iyi. Barabona yuko Ivyanditswe vyerekana Imana ko irangwa n’urukundo n’impuhwe, kandi ntaho bashobora kwiyumvira ko yotegurira umuriro udahera na Gehinomu abantu yiremeye yo ubwayo. Ariko kubera yuko bazi yuko umuntu adafise ukudapfa nk’akarangamutima, nta rindi saganirizo rero babona uretse kuvuga ko abantu bose bazokizwa. Abantu benshi bafata imburi za Bibiliya nk’ingingo zo gutuma tugira ubwoba kugira ngo tugamburukire Imana; ko zitatanzwe kugira ngo tuzikurikize nk’uko zanditse. Rero uko ni ko umunyavyaha ashobora kubaho mu bihimbaro vyisunga inarije yiwe, atitwararitse ivy’Imana idusaba; ariko ivyo ntibibuza ko yitega ko ku mpera ya vyose, azokwakirwa mu buntu bwayo. Inyigisho nk’iyo ishira akatuzo ku kigongwe c’ I mana ariko ikirengagiza ubutungane bwayo, inezereza umutima w’inyama kandi igaha inguvu umuntu zo kuguma mu kibi ari mwo.IB 378.3

    Kugira ngo twerekane ingene abizera agakiza ku buntu bose bahonyanga Ivyanditswe kugira ngo bashigikire iyo nyigisho ruhonyamitima, birakwiriye gusa yuko dushikiriza amajambo yabo bwite bashira imbere. Mu gihe c’amaziko y’umusore umwe yari yahuye n’isanganya, ava mu mubiri bukumbi, atagira idini asengamwo, umuvugiramana umwe mu bashigikira ko agakiza ari ako abantu bose yakoresheje iki gisomwa cerekeranye na Dawidi: « Yari amaze gushira umubabaro w’urupfu rwa Amunoni.» (2 Samweli 13:39)IB 379.1

    Uwo muvugiramana yaravuze ati: « Nama nabajijwe kenshi iherezo ry’abantu basezera isi bari mu caha, bagapfa kumbure baborewe, bagapfa bafise amarabaga y’ubwicanyi adahanagurika ku mpuzu zabo, canke bagapfa nk’uko uyo musore yapfuye, batarigera berekana ko bizera canke ko bafise idini basengeramwo. Reka twisunge ivyanditswe, inyishu bitanga ni wo muti w’iyo ngorane ihambaye. Amunoni yari yadobereye mu caha; ntiyari bwihane, yari yaborewe kandi mu gihe yari aborewe ni ho bamwica. Dawidi yari umuhanuzi wimana; ategerezwa kuba yaramenye nimba bizoba bibi canke vyiza kuri Amunoni muri iyo si yari agiyemwo. Mbega umutima wagize ibihe bibabagwe: «Hanyuma umwami Dawidi agirira Abusalomu inkumbu nyinshi, kuko yar’amaze gushira umubabaro w’urupfu rwa Amunoni. » (2 Samweli 13:39)IB 379.2

    « None icigwa umuntu yokura muri iyi mvugo ni ikihe? Nta gukekeranya, Dawidi mu vyo yizera ntiharimwo umubabaro w’ibihe vyose. Rero turiyumvira, kandi hano tuhasanga ingingo ikomeye ishigikira iciyumviro gihambaye cane, gitanga umuco mwinshi kandi kiringaniye n’impuhwe zimana, c’intsinzi ntabanduka kandi yo kw’isi yose y’amahoro n’ubweranda. Yoba yarahojejwe no kubona umwana wiwe yapfuye? Kubera iki ? Kubera yuko kubwo kurabisha ijisho ry’ubuhanuzi yarashobora kubona ubuninahazwa bugiye kuza kandi agaca abona uwo mwana wiwe yigijwe kure y’ibigeragezo vyose, abohowe agakurwa mu buja kandi ahumanuwe ubumuga bw’icaha, kandi amaze ku buryo buhagije gutunganywa akagirwa umweranda akamurikirwa, yemerewe kwinjira inyuma y’ibiringo bihagije vyo guhumanurwa mw’ikoraniro ry’impwemu zaduze kandi zinezerewe. Ikintu conyene catera umwami kurema ni uko yabona umuhungu wiwe yakunda yigijwe kure ya kamere y'icaha no kubabara, maze agashikanwa aho isukwa rihambaye rya Mpwemu yera rishikira umutima wiwe uri mu mwiza w’umuzitanya, aho ubwenge bwari bwugururiwe ubukerebutsi bw’ijuru hamwe n’akanyamuzeza kazanwa n’urukundo rw’Imana; akaba rero yari ateguwe uko ngo aronswe akarangamutima kejejwe, ngo asigurire n’abandi ikiruhuko n’umunezero wo kuba mu cubahiro c’ibihe vyose.»IB 379.3

    « Muri ibi vyiyumviro, dushaka ko abantu batahura yuko twemera ko agakiza ko kuragwa ijuru ata kintu dushobora gukora muri ubu buzima kubatseko ; ntikubatse ku guhinduka kw’umutima, canke kuco tuba twizeye ako kanya canke kw’idini tunmwo.”IB 379.4

    Uko ni ko uyo yigira umukozi wa Kristo yongeye guha impigi ca kinyoma inzoka yavugira muri edeni: «Haba n’intete ntimuzopfa ». « Umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, muzomera nkimana.»(Itanguriro 3 ::4, 5) Yavuze ko umunyavyaha ruhebwa - umwicanyi, igisuma n’umusambanyi - inyuma yo gupfa bazotegurirwa kwinjira mu buninahazwa buhoraho.IB 379.5

    None uyu muvugiramana karuhariwe mu kugoreka Ivyanditswe yakuye hehe izo ngingo yashikirije nk’indunduro ? Yabikuye mu ryungane risanzwe ryerekana ingene Dawidi yemeye guca bugufi, yakira ivyo Imana imurekuriye. Umutima wiwe « Ugirira Abusalomu inkumbu nyinshi, kuko yar’amaze gushira umubabaro w’urupfu rwa Amunoni. »(2 Samweli 13 :29) Umubabaro wiwe wagiye uragabanuka uko umwanya wagenda urarengana, aho kwiyumvira umuhungu wiwe yamaze gupfa yiyumviriye uwukiri muzima, aho yari yahunze atinya igihano c’icaha yari yakoze. Iki ni co gisomwa bagomba gufata nk’ikimenyamenya c’uko Amunoni w’imborerwa n’umusambanyi, inyuma gato amaze gupfa, yajanywe mu kibanza c’ubuninahazwa kugira ngo ahahumanurirwe kandi ahategurirwe kwinjira mu muryango w’abamarayika batacumuye. iyi nkuru iraryoheye amatwi vy’ukuri, irabereye guhumuriza umutima watwawe n’ivy’isi. Iyi ni inyigisho neza na neza ya Satani kandi iramufasha gushika ku nteguro ziwe ata ngorane. None hari ikintu gitangaje kubona ububi bwiyongera mu gihe hariho inyigisho nk’iyo ?IB 380.1

    Uburyo bwakoreshejwe n’uyu mwigisha w’ikinyoma ni bumwe mu buryo bwinshi bukoreshwa. Amajambo makeya yo mu Vyanditswe barayafata bakayasigura ukw'ayo bataravye ayandi ayakikije. Ibi bituma mu bihe vyinshi ico asigura gihushana n’insiguro bayahaye ; kandi rero batitura insiguro z’ivyo bisomwa baba bonkoye ku bindi, maze bakabikoresha nk’ikimenyamenya c’inyigisho zidafise umushinge mw’ijambo ry'Imana. Igishingantahe bashira imbere yuko Amunoni ari mw’ijuru ni amajambo asanzwe adafise ishingiro kandi ahushanye n’inyigisho yuzuye kandi itomoye yo mu Vyanditswe, yuko ata mborerwa n’imwe izoragwa ubwami bw’ijuru. Uko niko abo bakekeranya, batizera, bafise amakenga bahindura ukuri ikinyoma. Kandi abantu benshi barahenzwe n’inyigisho ziryohoye nk’izo zibasinziriza mu mutekano w’i vy’umubiri.IB 380.2

    Iyo aba ryari ijambo ry’ukuri, ko abantu bapfuye bose baja mw’ijuru mu gihe bacikanye, nta cotuma tutipfuza gupfa aho kubaho. Ukwizera nk’uku kwatumye benshi biyahura. Iyo barengewe n'uruhagarara, amadidane canke bagashikirwa n’ivyo batari biteze; biraborohera guca akagozi kari kabafatiye ubuzima maze bagaca basimbira mu buninahazwa bw’isi yamaho.IB 380.3

    Imana yarashikirije mw’ijambo ryayo ibimenyamenya ntabanduka yuko izohana abarenga ku mabwirizwa yayo. Abantu biyorohereza bavuga ko Imana ari inyakigongwe bihagije ku buryo idashira umunyavyaha imbere y’ubutungane, bakwiriye vyonyene kuraba ku musaraba w’i Kaluvari. Urupfu rw’umwana w’Imana atari afise agasembwa ni ikimenyamenya ko « ingero y’icaha ari urupfu ”, ko kurenga ibwirizwa ry’Imana iryo ari ryo ryose bifise impera ikwiranye navyo. Kristo atacumuye yahindutse icaha kubera twebwe. Yikoreye umutwaro w’ibigabitanyo vyacu, anyegezwa mu maso ha Se, gushika aho umutima wiwe waturika, agacikana. Iki kimazi cose catanzwe kugira ngo abanyavyaha bacungurwe. Nta yindi nzira yariho umunyavyaha yari gucamwo ngo atezurirwe igihano c’icaha. Kandi umuntu wese yanka kwakira iyo mpongano yatanzwe ku giciro nk’ico, ategerezwa kwikorera icaha n’igihano c’ibigabitanyo vyiwe.IB 380.4

    Reka turabe ku buryo bwagutse ico Bibiliya yigisha ku vyerekeranye n’abantu badakunda Imana kandi banse kwihana, abo bemera ko agakiza ari ak’isi yose, bavuga ko bari mw’ijuru nk’abamarayika beranda kandi banezerewe. «Ufise inyota nzomuha kunywa kw’isoko y’amazi y’ubugingo ku buntu.» (Ivyahishuwe 21:6) Iri sezerano ryahawe abafise inyota bonyene. Nta bandi uretse abo bumva ko bakeneye amazi y’ubugingo; kandi abayarondera biteguye kuba boheba ibindi vyose ngo bayaronke, bazoyaronswa. « Unesha azoragwa ivyo nanje nzoba Imana yiwe nawe azoba umwana wanje. » (Ivyahishuwe 21:7) N’aha nyene harerekanwa ibikenerwa gukorwa. Mu ntumbero yo kuronka ibintu vyose, dutegerezwa guhangana n’icaha, tukagitsinda.IB 380.5

    Umwami abicishije ku wavugishwa n’lmana Yesaya aravuga ati : « Mubwire umugororotsi kw’azomererwa neza. » « Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw’azogererwa ingero y’ivy’amaboko yiwe yakoze. (Yesaya 3 : 10, 11) « Nah’umunyavyaha yokora ibibi ibihetangabo ijana », ni ko umunyabwenge avuga, «akaramba cane, yamara ndazi kw’abubaha Imana aribo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo. Ariko nta mahoro azoba ku munyakibi. » (Umusiguzi 8:12, 13) Kandi na Paulo aremeza ko umunyavyaha yirundaniriza « Uburake buzoza ku musi wo kuraka, ah’amateka abereye y’Imana azohishurirwa, izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze ;” ” N’amarushwa, n’ivyago, ku bugingo bw’umuntu wese akora ikibi. »(Abaroma 2 :5,6,9)IB 381.1

    “Nta mushakanyi canke igihumane, cank’uwipfuza (niwe asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.”( Abanyefeso 5 : 5) “Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’utejejwe atazoraba Umwami.” (Abaheburayo 12: 14) “Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike muri wa murwa. Inyuma hazoba imbwa n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana n’umuntu wese akunda kubesha akabikora”(Ivyahishuwe 22: 14, 15)IB 381.2

    Imana yarahaye abantu ikimenyamenya ca kamere yayo hamwe n’ingene irajwe ishinga no gutorera icaha umuti. “Ndi Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd'umwizigirwa. Nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha, ariko simperereza urubanza k’utarugira.”( Kuvayo 34: 6, 7) “Abanyakibi bose Uhoraho azobahonya.” “Abacumura bo bazohonera icarimwe, iherezo ry’abanyakibi ni amahonero.” (Zaburi 145: 20; 37: 38) ubushobozi n’ubutegetsi bw’intwaro y’Imana buzokoreshwa kugira ngo buhagarike umugumuko ; ariko ivyo ntibibuza ko ibimenyetso vy’ubutungane buhana icaha, bugaha umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze, buzoshirwa mu ngiro mu buryo buringaniye na kamere y’Imana igira impuhwe, yihangana, kandi itanga imbabazi.IB 381.3

    Imana ntikoresha inguvu ku gushaka canke ku kurimbura kw’umuntu. Ntibiyihimbara kubona abantu bayubaha kubwo kuyitinya. Ico yipfuza ni uko abantu yaremesheje ikiganza cayo bayikunda kuko babona ko ibereye gukundwa kandi ko batahura neza ubukerebutsi, ubutungane hamwe n’ukugira neza kwayo. Kandi abantu bose batahura neza akaranga k’Imana bazoyikunda kuko ako karanga gatuma bayitunganira bakayegera.IB 381.4

    Akarorero k’ubugwaneza, imbabazi n’urukundo vyigishijwe kandi bigashirwa mu ngiro n’Umukiza wacu, ni urwandiko rw’ubugombe na kamere vy’Imana. Yesu yavuze ko ata kindi kintu yigishije uretse ico yahawe na Data. Ingingo ihema ryo mw’ijuru rishingiyeko ziraringaniye n’ibwirizwa ry’Umukiza wacu yavuze ati : « Mukunde abansi banyu ». Imana icira urubanza ababi ku neza y’ivyaremwe vyose, mbere no ku neza y’abo nyene bashikirwa n’ibihano kubwo urubanza baciriwe. Vyohimbara Imana ko yobanezereza iyaba yoshobora kubikora yisunze amabwirizwa y’intwaro yiwe hamwe n’ubutungane bwa kamere yiwe. Ibakikuza ibimenyamenya vy’urukundo rwiwe, ibaha kumenya amabwirizwa yayo bakayagwiza n’ubusa kandi ntibemera imbabazi zayo. N’ubwo bama baronse ingabirano ibahaye, barayimaramaza; Imana barayanka kuko bazi y’uko ivyaha vyabo itavyerekwa. Umwami arihanganira kenshi ububegito bwabo, ariko igihe kimwe kizoshika impera n’imperuka, aho kazoza kabo gategerezwa gufatirwa ingingo. None abo bagumutsi izobabohera ku ruhande rwayo ? Mbega izobaremera ibakoreshe ubugombe bwayo ?IB 381.5

    Abo bahisemwo Satani nk’umurongozi wabo kandi bakaba barakoreye musi y’uburongozi bwiwe ntibiteguye kurenguka mu nyonga z’Imana. Ubwibone, ububeshi, ubuhumbu, ubugizi bwa nabi, bwaratsimbataye muri kamere zabo. Mbega bokwinjira gute mw’ijuru maze bakabana n’abo banka kandi bakengera kw’isi ? Nta gihe ukuri kuzokwigera kuboneka neza imbere y’umubeshi, ukwicisha bugufi ntikuzokwigera gushimisha umuntu yirarira kandi yibona ; ukutihumanya ntikwemerwa n’abamaze kwihumanya ; urukundo ata nyungu rukurikirana nti biboneka ko rukwegakwega nyamwigungirako. None isoko y’umunezero ijuru ryoshobora gukomorera abantu batwawe ku buryo bwuzuye n’ inyungu zabo kandi z’isi ni irihe?IB 382.1

    Mbega abantu babayeho ubuzima bwabo bari mu mugumuko wo kurwanya Imana, mu kanya nk’ako gukubita urugohe bakungururizwa mw’ijuru, bakabona ahirengeye, abantu b’uburinganire butarigera buboneka - aho umuntu wese yuzuye urukundo, aho amaso yose yuzuye akanyamuneza, aho bumva indirimbo zo mw’ijuru zicurarangitse ku buryo buryoheye ugutwi, zihayagiza icubahiro cimana hamwe n’ic’umwagazi, kandi bakabona imishwarara y’umuco ivuye kuri umwe avyagiye kuri ya ntebe y’inganji itwikira abacunguwe - mbega abantu bafise imitima yuzuye urwanko banka Imana, ukuri hamwe n’ubweranda, bokoraranira hamwe n’ingabo z’ijuru maze bakaririmbira hamwe indirimbo yo gutazira? Mbega bohangara icubahiro cimana n’ic’umwagazi ? Oya, oya namba! Barahawe imyaka yo kwemerwa kugira ngo batunganye kamere isa n’iyo mw’ijuru ; ariko ntibigeze bamenyereza na rimwe ubwenge bwabo ngo bukunde ibidahumanye; ntaho bigeze biga imvugo yo mw’ijuru, ubu rero igihe cararenganye. Ubuzima bwo kugumuka barwanya Imana bwababujije kuba abantu babereye kuba mw’ijuru. Ingene hatunganye, ukuntu ari aheranda, amahoro aharangwa vyobabuza gutekanirwa; icubahiro cimana cobabera umuriro utongora. Icobahimbara ni uko bohunga aho hantu huzuye ubweranda. Ico bokwifuriza ikaze ni uko hobaho ugusambuka kugira ngo banyegezwe mu maso h’uwapfuye kugira ngo abacungure. Ibizoshikira ababi bizoba bijanye no guhitamwo kwabo ata n’umwe abagobereye, kandi ku ruhande rw'Imana bizoba vyisunze ubutungane n’ikigongwe cayo.IB 382.2

    Nk’uko vyagenze ku mazi y’umwuzure, umuriro wo ku musi uhambaye werekana ikimenyamenya cimana yuko ababi badashobora gukira. Nta kintu bafise muri bo kibararikira guca bugufi musi y’ubutegetsi bw’ijuru. Ubugombe bwabo bwamenyerejwe ukugumuka; kandi igihe ubuzima buzoba burangiye, hazoba haramaze kurengerana ko bahindura ivyiyumviro vyabo bakabiha iyindi ntumbero ihushanye n’ivyo vyari bisanganywe, ntibizoba bigishoboka ko bahindukira bakava mu kugabitanya bakaja mu kwubaha, bakava mu rwanko bakaja mu rukundo.IB 382.3

    Mu gukingira ubuzima bw’umwicanyi Kayini, Imana yahaye isi kubona akarorero k’ingaruka yo kureka umunyavyaha akabandanya kubaho ubuzima bwo kumogorera mu caha. Kubera ubwaku bw’inyigisho n’akarorero ka Kayini, abantu benshi bamukomotseko bakururirwe mu caha, gushika aho « Ibibi vy’abantu vyari vyinshi mw’isi » kandi « ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogorera gukora ibibi gusa na ntaryo.” ” Kand’isi yari yononekaye imbere y’Imana, yuzuye umuryano.” (Itanguriro 6:5,11)IB 383.1

    Kubwo kugirira isi imbabazi, Imana yazimanganije ababi kw’isi mu gihe ca Nowa. Kubwo impuhwe zayo, yararimbuye abantu b’i Sodomu bari barimonogoje mu bubi. Biciye mu bushobozi bwo kubesha bwa Satani, abagizi ba nabi barashimwa kandi bagashigikirwa, kandi uko ni ko bakwegera abandi mu bugumutsi. Uko ni ko vyari bimeze mu misi ya Kayini n’iya Nowa ; hamwe no mu gihe ca Aburahamu na Loti; ni nako bimeze no muri kino gihe cacu. Mu mpera n’imperuka, Imana izorimbura abantu banse kwakira ubuntu bwayo kubwo kugirira isi impuhwe.IB 383.2

    «Ingero y’icaha ni urupfu; arikw’ingabire y’Imana ni ubugingo budashira bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 6 :23) Mu gihe abagororotsi bazoragwa ubuzima, ababi bo bazoshikirwa n’urupfu. Mose yabwiye Isirayeli ati: «Ehe raba uyu musi mbashize imbere ubugingo n’amahirwe, bo n’urupfu n’amagorwa. » (Gusubira mu Vyagezwe 30 : 15) Urupfu ruvugwa muri iki gisomwa si rwa rundi rwabwirwa Adamu, kuko ikiremwa muntu cose kirashikirwa n’ingaruka z’ukugabitanya kwiwe. « Urupfu rwa kabiri » ni rwo ruvugwa ko ari igihabane ku bugingo buhoraho.IB 383.3

    Nk’ingaruka y’icaha c’Adamu, urupfu rushikira ikiremwa muntu wese. Abantu bose baramanukanwa i kuzimu. Kandi kubw’ivy’umugambi w’agakiza utegekanya, abantu bose bazokurwa mu mva bazoba barimwo.« Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’ukw’abagabitanya;” «Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima” (Ivyakozwe n’intumwa 24 : 15 ; 1 Ab’i Korinto 15 : 22) Ariko rero hariho itandukaniro y’iyo mirwi ibiri y’abantu bazova mu mva. «Igihe kiza kuza ah’abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe, bakazivamwo ; abakoze ivyiza bakazukira ubugingo abakoze ibibi bakazukira gucirwakw’iteka.» (Yohana 5 : 28, 29) Abazoba babereye kuzukira ubugingo « barahezagiwe kandi baratunganye ». « Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze batyo.» (Ivyahishuriwe Yohana 20 :6) Ariko abazoba bashoboye kuronswa ikigongwe, kubwo ukwihana no kwizera, bategerezwa kuzohamwa kubwo ibigabitanyo vyabo - « ingero y’icaha. » Bazoshikirwa n’igihano gitandukanye ku kuntu kizoba gihambaye hamwe n’igihe kizomara, « hisunzwe ibikorwa vyabo » ariko kandi kw’iherezo rya vyose gishikana ku rupfu rwa kabiri. Kubera yuko bitoshobokera Imana, kubw’ubutungane hamwe n’ikigongwe vyayo, gukiriza umunyavyaha mu vyaha vyiwe ; imwonkora ukubaho mu bigabitanyo vyiwe vyatituye kandi vyamuteye kwerekana ko atakubereye. Uku ni ko uwavugishijwe n’Imana avuga : «Kuko hasigaye igihe gito umunyakibi ntabeho; mber’uzokwitegereza ahiwe, umubure.» (Zaburi 37 :10) Kandi n’uwundi aravuga ati : « Bazomera nk’abatakiriho.» (Obadiya 16). Batwikiriwe n’ubumaramare, bakorokeye mu mwiheburo, aho batazokwongera kwibukwa ibihe vyose.IB 383.4

    Uko ni ko iherezo ry’icaha rizomera, hamwe n’amagorwa n’agatikizo vyose vyazanwe na co. Uku ni ko umunyezaburi avuga : «Wahoneje ababi, wasibanganije amazina yabo gushitsa ibihe bitazoshira. Abansi barayogeye, hasigaye imisaka ibihe vyose.»(Zaburi 9 : 5,6) Yohana yeretswe ibihimbaro vyo mw’ijuru, yumva ururirimbo rwo guhimbaza rusamirana mu masi yose rutunganijwe ku buryo buringaniye ku mpande zose. Ivyaremwe vyose mw’isi no mw’ijuru vyumvikanisha amajwi yavyo bihimbaza Imana. Aho nta bantu b’ababi bazoharangwa bariko barogota ku Mana mu gihe bazoba batitirijwe n'umubabaro udahera ; nta babi bazoba bari muri Gehinomu bazokwumvikanisha ugutaka kwabo ngo gufatane n’indirimbo z’abakijijwe.IB 384.1

    Inyigisho y’ikinyoma yuko umuntu asanganywe ukudapfa yaciriye inzira iyindi yuko umuntu agumana ukwiyumvira amaze gupfa. Iyo nyigisho nayo nyene, nk’uko iyo umubabaro w’ibihe vyose imeze, ihushanije n’inyigisho z’lvyanditswe, ni ukwiyumvira kw’umuntu hamwe n’ibigumbagumba biranga ikiremwa muntu. Wisunze ibintu abantu bemera usanga hirya no hino, abacunguwe iyo bari mw’ijuru bazoba bakurikiranira hafi ibintu vyose biriko birabera kw’isi kandi na cane cane ibiriko birashikira ubuzima bw’abagenzi babo basize inyuma. Ariko none, kubona abapfuye bamenya ingorane zugarije abakiriho, bagakurikirana ingene abo bakunda bariko baracumura, kandi bakabona ingene bashikirwa n’imibabaro, bagwa mu gahundwe, n’ingene bashikirwa n'amakuba mu buzima, ivyo vyobabera gute isoko y’umunezero? None ubuninahazwa bwo mw’ijuru bwo, umuntu yokwumva gute ko bumuhimbaye kububamwo igihe yokwama ashize umutima ku kababaro abagenzi biwe bo mw’isi barimwo? Mbega ukuntu iyi nyigisho yuko iyo umuntu acikanye, impwemu zikamuvamwo, ko umutima w’uwo muntu atihanye uca wugaranirwa mu muriro wa Gehinomu, ibabaje ku buryo atawoyihanganira ! Mbega ukuntu abantu bagira intuntu ku mutima iyo babonye abagenzi babo batari bwihane bajanywe mu mva, bakinjira ibihe vyose mu magorwa no mu caha ! Abantu benshi barataye ubwenge kubera kwiyumvira ibintu nk’ivyo.IB 384.2

    None Ivyanditswe bivuga iki kuri ivyo bintu ? Dawidi avuga yuko iyo umuntu amaze gupfa ata kintu aba aciyumvira : «Impwemu ziwe zimuvamwo akisubirira mw’ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.”( Zaburi 146 :4) Uko ni ko na Salomo ashinga intahe avuga : « Erega abariho baba bazi ko bazopfa; ariko abapfuye ntaco baba bakizi. » « Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba. » « Nta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubwenge i kuzimu aho urariye kuja.” (Umusiguzi 9 : 5,6,10)IB 384.3

    Igihe Hezekiya yaronka inyishu kw’isengesho yari yagize maze ubuzima bwiwe bukongerezwa imyaka 15, uwo mwami yarashimye Imana ayitazirira imbabazi zayo zihambaye. Muri iyi ndirimbo aravuga igituma anezerewe : « Kukw’ikuzimu hadashobora kuguhimbaza, n’urupfu ntirushobora kugutazira. Kand’abamanuka baja muri rwa rwobo ntibashobora kwishimira ukuri kwawe. Umuntu muzima, umuntu muzima, ni we azoguhimbaza nk’uko ndiko ndaguhimbaza uyu musi.” (Yesaya 38 : 18, 19) Inyigisho z’ivyiyobokamana zikwiriye hose zivuga ivyo abapfuye bizeye nk’uko boba bari mw’ijuru, ko bashitse mu buninahazwa kandi ko batazira Imana bakoresheje ururimi rudapfa ; ariko Hezekiya ntiyashoboye kubona iyo nkuru y’icubahiro mu rupfu. Amajambo yiwe aremezwa n’umunyezaburi : « Kuko utazokwibukirwa mu rupfu, Ni nde azogushimira i kuzimu ? » « Abapfuye ntibahimbaza Uhoraho, cank’abamanuka baja ahantu h’agacerere » (Zaburi 6:5; 115: 17)IB 384.4

    Ku musi wa Pentekote, Petero yavuze ko umukurambere Dawidi : «Yapfuye agahambwa,n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebwe na bugingo n’ubu. » Kandi Dawidi ntiyaduze mw’ijuru.» (Ivyakozwe nintumwa 2 :29, 34) ». Kubona Dawidi akiri mu mva gushika igihe c’umuzuko vyerekana yuko abagororotsi bataja mw’ijuru igihe bapfuye. Biciye mu kuzuka kwonyene, kandi kubwa Kristo ubwiwe yazutse, ni ho Dawidi azoronkera akaryo ko kwicara mu kuboko kw’i buryo kw'Imana.IB 385.1

    Kandi Paulo nawe yaravuze ati : «Asangwa abapfuye batazuka na Kristo ntarakazuka : arikw’asangwa Kristo atazutse ukwizera kwanyu n’ukw’ubusa, muracari mu vyaha vyanyu. Kand’asangwa bimeze bityo n’abasinziririye muri Kristo barayogeye. (1 Ab’ikorinto 15: 16-18) Nimba mu myaka ibihumbi bine abagororotsi igihe bapfa boba baciye baja mw’ijuru, none ni kuki Paulo yoba yaravuze ati nimba ata kuzuka kuriho, abo bose basinziriye muri Kristo barayogeye ? Ukuzuka rero ntigukenewe ?IB 385.2

    Umu maratiri Tyndale, ariko aravuga uko abapfuye baba bameze yagize ati : « Ndashinze intahe icese ko ntemera yuko bamaze gushika mu buninahazwa bwose aho Kristo ari, canke aho abamarayika b’intoranywa bimana bari. Ku bwanje ico si ikintu co kwizera ; kuko iyo biba bimeze uko, ugusigura yuko umubiri uzozuka ntaco vyoba bimaze » Ukuzuka ntikwoba gukenewe. (William Tyndale, Preface to New Testament (ed. 1534). Reprinted in British Reformers—Tindal, Frith, Barnes, page 349.)IB 385.3

    Ni ikintu kiboneka yuko kugira ivyizigiro ko iyo umuntu apfuye aca yinjira mu buninahazwa vyatumye inyigisho ya Bibiliya yerekeranye n’izuka ry’abapfuye ihakwa kwibagirana. Iyi ngendo yatahuwe hakiri kare na Dr Adam Clarke, we yavuze ati: ‘inyigisho yerekeranye n’umuzuko iboneka yuko abakristo bo hambere bari bayitwararitse gusumvya uko biri ubu! None ivyo biva kuki? Intumwa zama igihe cose ziyigarukako, kandi ikabafasha kurarikira abayoboke bimana kuba maso, kwubaha no kugira umunezero. Kandi ababakoreye mu ngata muri kino gihe baza barayicishamwo rimwe na rimwe. Uko intumwa zasiguye ni nako abakristo bo hambere bizeye; uko dusigura ubu, ni nako abadutega amatwi bizera. Mu butumwa bwiza, nta ngingo y’inyigisho yashizwe ahabona mu buryo butomoye nkayo; kandi ku ngingo twigisha muri kino gihe, nta ngingo ishizwe i ruhande kandi ititwararitswe nkayo. (Commentary, remarks on 1 Corinthians 15, paragraph 3.)IB 385.4

    Ibi vyarabandanije gushika aho ukuri kw’icubahiro kwerekeranye n’umuzuko kwazimanganye rwose maze abakristo barakwibagira. Uku ni ko umwanditsi w’umwisirayeli afatiye ku gisomwa co muri 1 Ab’i Tesalonike yashikirije aya majambo: “Kubwo impamvu zumvikana zo kuremesha, inyigisho ikunzwe yuko abagororotsi badapfa yasubiriye ku bwacu inyigisho iteye amakenga ‘“y’ukugaruka kw’umukiza.” Igihe cose umuntu apfuye, “kuri we umwami aba agarutse”. Tubayeho turindiriye kandi twiteze ico. Abapfuye baramaze gushika mu buninahazwa. Ntibarindiriye inzamba y’urubanza kugira ngo babone kwinjira mu buninahazwa.IB 385.5

    Ariko igihe Yesu yari agiye gutandukana n’abigishwa biwe, ntiyababwiye ko mu gihe gitoya bazomusanga aho ari. Yavuze ati: ” Ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu nzogaruka kubajana i wanje ng’aho ndi namwe abe ariho muba.” (Yohanal4:2,3) Paulo hari ivyo yongeye kuri aya majambo: « Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza amanutse avuye mw’ijuru aranguruye ijwi rirenga hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka ;maze natwe abazoba bakiriho dusigaye tuzoca duteruranwa na bo mu bicu dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana tubana n’Umwami. » Arongerako iri jambo ngo: «Nuko mwiruranishe ayo majambo.”(l Ab’itesalonike 4: 16-18) Mbega ukuntu hariho ubudasa buhambaye hagati y’aya majambo aremesha hamwe n’ayo wa mukozi yemeza twamaze kuvuga, ko agakiza ari aka bose! Uyo yayojeje abagenzi babuze ababo abemeza y’uko urugero rwose rwo gucumura abapfuye baba barashitseko, aho impwemu za nyuma zabasohokamwo bacikanye, bategerezwa guca bakirwa hagati mu bamarayika. Paulo asaba umuvukanyi wiwe gutumbereza amaso yiwe ku kuza kw’Umwami kwitezwe muri kazoza, aho iminyororo y’i kuzimu izocika maze abapfiriye muri Kristo bazukire ubuzima buhoraho.IB 385.6

    Imbere y’uko umuntu ashobora kugerera mu mazu y’abahirwe, ivyabo bizobanza gusuzumwa, kandi kamere hamwe n’ibikorwa vyabo bitegerezwa guca mu mwihwezo imbere y’Imana. Abantu bose bazocirirwa urubanza hisunzwe Ivyanditswe mu bitabo kandi bazohabwa impera ikwiranye n’ivyo bakoze. Urwo rubanza nti ruba igihe umuntu apfuye. Zirikana aya majambo ya Paulo : « Kuko yashinze umusi wo gucirakw’isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukuye mu bapfuye. »( Ivyakozwe n’ intumwa 17:31) Mu buryo bwuzuye hano intumwa iravuga ivy’umwanya wategekanijwe neza, muri kazoza, aho isi izocirirwa urubanza.IB 386.1

    Ico kiringo ni co na Yuda ashirako akatuzo : « N’abamarayika batagumye mu bukuru bwabo ariko bataye ahantu habo ibarindira kuzocirwakw’ iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza. » Kandi yuririye ku majambo ya Henoki, aravuga ati : « Eh’Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe kugira ngw ‘acire bose amateka. (Yuda 6, 14, 15) Yohana avuga ati: « Mbona abapfuye abahambaye n’aboroshe bahagaze imbere y’iyo ntebe, ibitabo birazingururwa. ... Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo zikwiranye n’ivyo bakoze » (Ivyahishuriwe Yohana 20: 12)IB 386.2

    Ariko nimba abapfuye baramaze kwinjira mu buninahazwa bw’ijuru canke bariko barakegetwa n’umuriro wo muri Gehinomu, none urubanza rwo muri kazoza rurakenewe ? Inyigisho z’amajambo y’Imana kuri izi ngingo zihambaye ntizirimwo igipfungu, nta nubwo zivuguruzanya ; umuntu wese arashobora kuzitahura. Ariko ninde muntu, uretse uwoba yabanje kubibwirwa, ashobora kubona ubukerebutsi canke ubutungane muri iyo nyigisho yamaze kwamamara hose ? Abagororotsi, inyuma y’urubanza, ivyabo bimaze gusuzumwa boba bazobwirwa ngo « Wagize neza muntu wanje mwiza wo kwizigirwa.... Injira mu munezero wa shobuja», igihe bazoba bamaze imyaka n’imyaka bagereye mu nyonga ziwe ? Mbega ababi bazokurwa mu kibanza babarizwamwo kugira ngo bumve aho umucamanza w’isi yose arivumera ngo : «Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima » (Matayo25 :21, 41) Mbega akamaramaza ! Mbega ukwambika ibara ubwenge n’ubutungane vy’Imana!IB 386.3

    Inyigisho yuko umuntu adapfa ngo ahere yari imwe mu nyigisho z’ibinyoma Ishengero ry’i Roma ryatiye mu bapagani maze ihinduka imwe mu nyigisho z’ivyizerwa rukristo. Umugorozi Martino Luther ayishira mu murwi umwe : « N’imigani y’imihimbano igize urwondo rw’amategeko y’i Roma. (-E. Petavel, The Problem of Immortality, page 255). Ariko ashikiriza iciyumviro ku majambo y’Umusiguzi aho yerekana ko abapfuye ataco baba bakimenya, uyo mugorozi yaranditse ati : « Ikindi gisomwa cerekana ko abapfuye... ata ciyumviro bagira. Yavuze ko ata gikorwa, ata bumenyi, ata buhinga, ata bukerebutsi bubayo. Salomo yerekanye ko abapfuye baba basinziriye, kandi ko ata kintu na kimwe biyumvira. Kuko abapfuye baba baryamitswe mu mva, badaharura yaba imisi canke imyaka, ariko igihe bazokwikangura, bazosanga bari bamaze nk’umunota umwe baryamye. (Martin Luther, Exposition of Solomon’s Booke Called Ecclesiastes, page 152.)IB 387.1

    Nta na hamwe mu vyanditswe vyeranda dusanga ijambo ritubwira ko abagororotsi bahabwa impera yabo canke ko ababi baronka igihano iyo bapfuye.Abakurambere n’abahanuzi nta vyizigiro nk’ivyo basize. Kristo n’intumwa ntaco badusigiye cotuma tunavyiyumvira. Bibiliya irigisha icese yuko abapfuye badaca baja ubwo nyene mw’ijuru. Irerekana ko basinziriye gushika igihe co kuzuka. Kuri uwo musi uhambaye, igihe umugozi w’urutsinga rw’ifeza ucika, urwavya rw’izahabu rukameneka, ivyiyumviro vy’umuntu birazimangana. Abamanuka i kuzimu mu mva baba bagiye ahacecekerwa. Nta kintu na kimwe bamenya mu bikorerwa munsi y’izuba. Mbega ikiruhuko kibereye abagororotsi barushe ! Igihe kuba kirekire canke kigufi, kuri bo ari nk’umunota. Barasinziriye ; bazokangurwa n’inzamba y’Imana bikangurire ukudapfa kw’icubahiro. « Kukw’inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora.... Arik’uyu mubiri ubora niwamara kwambara ukutabora n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, niho hazoshika rya jambo ryanditswe ng’urupfu rumizwe n’intsinzi. Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we uruboyi rwawe ruri hehe? (1 Ab’ikorinto 15: 52-55) Mu gihe bazoba bakuwe mw’itiro bari bahwekereyemwo, bazotangura kwiyumvira aho urupfu ruzoba rwarabajanye bari bageze. Ukuntu bari bameze ku munota wa nyuma imbere y’uko bapfa ; iciyumviro cabo canyuma imbere y’uko ubushobozi bw’i kuzimu bubagirako ububasha. Mu gihe bazoba basohotse mu mva, iciyumviro cabo ca mbere c’umunezero kizohanahana mu gukoma urwamo rw’intsinzi «Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we uruboyi rwawe ruri hehe?».IB 387.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents