Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 19 - Umuco Mu Mwiza

    Igikorwa c’Imana kuri iyi si, uko urunganwe rwagiye rukurikirana, kirafitaniye isano rikomeye n’igihe cose habaye igikorwa c’ivugurura mu vya Mpwemu. Ukuntu Imana yama yitwararika abantu ntikwigera guhinduka. Ivyo tubona bishika muri kino gihe bifitaniye isano n’ivyashitse muri kahise, kandi ibihe ishengero ryaciyemwo birafitiye ivyigwa vy’agaciro kanini ibihe vy’ubu.IB 248.4

    Nta kuri kwigishijwe neza ku buryo butomoye muri Bibiliya kuruta inyigisho yuko Imana ikoresheje Mpwemu Yera ku buryo budasanzwe irongora abantu bayo kuri iyi si, mu gikorwa gihambaye co gushikana ku bantu ubutumwa bw’agakiza. Abantu ni ibikoresho mu maboko y’Imana, irabakoresha mu kurangura intumbero zayo z’ubuntu n’imbabazi. Umwe wese arafise igikorwa ajejwe; umuntu wese arafise urugero rw’umuco yaronse, uringaniye n'ivyo akeneye mu gihe ciwe, kandi ukwiranye ku buryo buringaniye n’igihe ciwe kandi ukwiriye ku buryo butangaje, kugira ngo umushoboze gukora igikorwa Imana yamushinze. Ariko rero, nta muntu n’umwe yatewe iteka n’ijuru, yigeze ashika aho atahura ku buryo bunengesereye umugambi uhambaye wo gucungura umuntu; canke naho ngo ashike aho ashima ku rugero rubereye, intumbero y’Imana y’igikorwa co mu gihe ciwe. Abantu ntibatahura ku buryo bwuzuye ico Imana ishobora gukora icishije ku gikorwa yabashinze; ntibatomokerwa aho ubutumwa bahawe gushikiriza, bwoshikana ubwaku bwabwo.IB 248.5

    “Mbega woshobora kugenzura ibidashikirwa vy'Imana? Woshobora kumenya Ishobora vyose ukanonosora?”(Yobu 46:9,10). “Kukw’ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu, kand’inzira zanyu Atari zo nzira zanje nik’Uhoraho agize. Mbere nk’uko ijuru ryitanguye isi ni kw’inzira zanje zitanguye inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje vyitaguye ivyiyumviro vyanyu.”(Yesaya 55: 8,9). “Kukw’ari jewe Mana ata yindi duhwanye. Mpera kw’itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahera no ku bihe vya kera nkavuga ibitaraba” (Yesaya 46:9,10)IB 249.1

    N’abavugishwa n’Imana bari batewe iteka ryo kumurikirwa n’umuco udasanzwe wa Mpwemu ntibatahuye ku buryo bwuzuye, aho ivyo bahishuriwe vyashikana ubwaku. Uko urunganwe rugenda rukurikirana ni nako bagenda barushiriza kuronswa insiguro hakurikijwe ingene abantu b’Imana baba bakeneye kumenya ivyo basabwa, nk’uko Imana yabihishuye.IB 249.2

    Petero ariko yandika ivy’agakiza kashizwe ahabona nk’uko biboneka mu butumwa bwiza aravuga ati: “Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana ari bo bavuze ubuntu mwagira muze muhabwe, barabirondera , barabisesa, basesa igihe ic’ari co n’ibimenyetso vyaco vyerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo yavuga yatagura ivy’imibabaro ya Kristo bitari bwabe, n’ivy’ubwiza bw’uburyo bwinshi bwagira buze buyiherukire. Kandi bahishurirwa yuko atari bo bavyikorera; ariko ko ari mwebwe babikorera.”( 1 Petero 1:10-12).IB 249.3

    Ariko n’aho abavugishwa n’Imana batahawe gutahura ku buryo bwuzuye ivyo bahishuriwe, bakoze uko bashoboye mu kurondera kuronka umuco wose Imana yashimye kubamurikisha. “Barabirondera kandi bakabisesa n’ubwenge”, “bagasesa igihe cerekanywe na Mpwemu wa Kristo yari muri bo ico ari co n’ingene kimeze.” Iki ni icirwa gihambaye ku bantu b’Imana bo muri iki gihe rukristo,, ubuhanuzi Imana yahaye abasuku bayo, ni bo bwari bugenewe. “Bahishuriwe ko atari bo bavyikorera, ariko kw’ ari mwebwe babikorera.” Raba namwe ukuntu aba bantu beranda b’Imana bariko “barondera kandi bagasesana ubwenge!” ivyo bahishuriwe kuzoshikiriza urunganwe rw’igihe kizoza. Ni murabe ukuntu ishaka ryeranda bari bafise rihabanye n’umwitwarariko muke abagiriwe ubuntu bo muri kino gihe bakirana iyo mpano yo mw’ijuru! Mbega ukuntu ari urubanza ruhambaye ku bantu ataco binona, bikundira ivy’isi, bagashimishwa gusa no kuvuga ko ubuhanuzi atawobutahura!IB 249.4

    Naho ubwenge bufise aho bugarukira bw’abantu budashobora kwinjira mu nama z’Udafise urubibe mu bwenge, canke ngo butahure ku buryo bwuzuye imigambi yiwe, ariko kenshi ni kubera amakosa amwe canke ugufata ibintu minenegwe ku ruhande rwacu bituma tudatahura neza ubutumwa ijuru riturungikira. Ni kenshi aho usanga ubwenge bw’abantu, mbere n’ubw’abasuku bayo, bwarahumishijwe n’ivyiyumviro vy’abantu, imigenzo hamwe n’inyigisho z’ibinyoma, ku buryo bashobora vyonyene gatoya gutohoza ibintu bihambaye Imana yahishuye mw’ijambo ryayo. Uko niko n’abigishwa ba Kristo bari bameze, mbere n’igihe Umukiza yari akiri kumwe nabo. Ubwenge bwabo bwari bwiziziwe n’ivyiyumviro vy’ukuntu abantu muri rusangi biyumvira Mesiya nk’umuntu ameze nk’abandi batware b’isi, yategerezwa gukuza Isirayeli akayishikana ku ntebe y’inganji y’isi yose; kandi ntibashobora gutahura insiguro y’amajambo yiwe yamenyesheje imbere y’igihe, y’ivy’imibabaro yiwe n’urupfu rwiwe.IB 249.5

    Kristo ubwiwe yari yabarungikiye ubu butumwa bw’integuza: ‘igihe kirashitse ubwami bwimana buri hafi: mwihane mwemere ubutumwa bwiza.’’(Mariko 1:15” Ubu butumwa bwari bufise ishingiro ku buhanuzi bwa Daniyeli igice c’9 . Umumarayika yari yavuze ko amayinga mirongo itandatu n’icenda azoherana n’ukuza kwa “Mesiya Segaba”, kandi abigishwa buzuye ivyizigiro bikomeye hamwe n’umunezero bari biteze ukwimikwa kw’ingoma ya Mesiya i Yerusalemu kugira ngo abe umutware w’isi yose. Ubutumwa Kristo yari yarabashinze, barabumenyekanishije hose n’aho batatahuye insiguro yabwo yimbitse. Nubwo ivyo bamamaza vyaboneka muri Daniyeli 9:25, umurongo ukurikira warabaciye mu jisho, ntibabona ko Mesiya yari gukurwaho. Kuva hakiri kare imitima yabo yari yiteguriye iyimikwa ry’ubwami buhambaye kuri iyi si; ibi rero vyatumye ugutahura kwabo kurengerwa n’uruhumyi; uko niko vyanabagendeye ku bijanye n’ivyo ubuhanuzi vyashira ahabona hamwe no ku majambo ya Kristo.IB 250.1

    Igikorwa cabo barakiranguye bashikiriza Abayuda ubutumire bw’ubuntu kandi rero, mu gihe nyezina bari biteze kubona Umwami wabo avyagiye ku ntebe ya Dawidi, babonye ahubwo afatwa nk’umugizi wa nabi, arakubitwa bimwe bibi, arakengerwa, acirwa urubanza kandi arabambwa ku musaraba i kaluvari. Mbega ukuntu imitima y’abo bigishwa yatabaguwe n’ukwihebura n’ukubabara mu gihe Umwami wabo yari aryamye mu mva! Igihe kigeze, Kristo yari yarahishuwe kandi ashika nk’uko ubuhanuzi bwari bwabimenyesheje. Ikintu cose Ivyanditswe vyari vyarashingiye intahe cari cashitse nk’uko cavuzwe mu bikorwa vyiwe. Yari yamamaje ubutumwa bw’agakiza, kandi “amajambo yiwe yari afise ubushobozi.” Imitima y’abamutega amatwi yari yatahuye yuko yaje avuye mw’ijuru. Ijambo hamwe na Mpwemu wimana vyarashingira intahe ko umwana wimana ari intumwa ya Se.IB 250.2

    Abigishwa bagumanye imishikirano idahugumba n’Umwigisha wabo bakunda. Ariko ivyo ntivyabujije ubwenge bwabo kudendebukirwa no kwihebura hamwe n’ugukekeranya. Muri uwo mubabaro barimwo, ntibanibutse amajambo ya Kristo yavuga ivyo imibabaro n’urupfu rwiwe. Nimba Yesu w’i Nazareti ari we Mesiya koko, ni kuki bari guterwa n’umubabaro kandi bakihebura? Iki ni co kibazo cakongataje imitima yabo mu gihe Umukiza yari aryamye mu mva yiwe, muri ayo masaha babayeho badafise ivyizigiro, kuri uwo musi w’isabato waciyemwo amaze gupfa kandi atarazuka. Ariko n’aho iryo joro ry’agahinda ryarundanije umwiza kuri abo bayoboke ba Yesu, ntibari batawe. Uku niko umuvugishwa nimana yavuze:” Ninicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco....Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.”(Mika 7: 8,9) “N’umwiza nawo ntugira ico woguhisha, ariko mw’ijoro habona nko ku murango; umwiza n’umuco kuri wewe ni bimwe.”( Zaburi 139: 12) Imana yaravuze iti: “Abatunganye umuco ubakirira mu mwiza.”( Zaburi 112:4) “Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirongore mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.”(Yesaya42: 16)IB 250.3

    Ivyamenyeshejwe n’abigishwa mw’izina ry’Umwami vyari ukuri kutagabanije kandi ni vyo bari babonye vyariko birashika nk’uko bari babivuze. Ubutumwa bashikiriza bwari ubu : « Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buregereje. » Igihe cari caravuzwe kimaze gukwira - ya mayinga mirongo itandatu n’icenda yo muri Daniyeli 9, yategerezwa gushikana ku kuza kwa Mesiya, « Uwasizwe » - Kristo yasizwe na Mpwemu amaze kubatizwa na Yohana muri Yorodani. Kandi « Ubwami bw’Imana » bari bamaze kwamamaza ko buri hafi bwari bwimitswe n’urupfu rwa Kristo. Ubwo bwami ntibwari kuba ubutware bwo kuri iyi si nk’uko bari barabibigishije bakavyemera. Ahubwo bwari Ubwami bwo muri kazoza, Ubwami butazokwigera buhangura, buzokwamaho ibihe vyose, buzokwimikwa igihe « ubwami n’inganji n’ubukuru bw’ubwami bwose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubwoko bw’abera b’Isumba vyose » ; ni ho « abami bose bazoyikorera bayubahe. »(Daniyeli 7 :27.) Nk’uko biboneka muri Bibiliya, umurwi w’amajambo « Ubwami bw’Imana » ukoreshwa kugira ngo werekanire icarimwe ubwami bw’ubuntu n’ubwami bw’icubahiro. Ubwami bw’ubuntu bushirwa ahagaragara na Paulo mw’ikete yandikiye Abaheburayo. Amaze kutwereka Kristo, umuherezi yuzuye impuhwe « ababarana natwe mu ntege nke zacu », intumwa Paulo aravuga ati : «Nuko nitwegere intebe y’ubuntu dushize ubwoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiye. » (Abaheburayo 4: 16) Intebe y’imbabazi yerekana Ubwami bw’imbabazi ; kuko iyo hari intebe y’ubwami haba hariho n’ubwami bufise iyo ntebe. Muri imwe mu migani myinshi ya Yesu, umurwi w’amajambo « Ubwami bw’ijuru » warakoreshejwe kugira ngo werekane igikorwa c’ubuntu bw’Imana ku mitima y’abantu.IB 251.1

    Hamwe n’ivyo intebe y’icubahiro yerekana Ubwami bw’icubahiro ; kandi ubu ni bwo bwami Yesu yariko aravuga muri aya majambo yiwe yashikirije : « Ank’Umwana w’umuntu ah’azozira afise ubwiza bwiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubwiza : amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe. » (Matayo 25: 31, 32) Ariko rero ubwo bwami turaburindiriye. Ntibushobora gushingwa Kristo ataragaruka.IB 251.2

    Ubwo bwami bw’ubuntu bwimitswe inyuma gato y’aho umuntu yari amaze gucumura, igihe Imana yashira mu ngiro umugambi wo gucungura ubwoko bwaguye mu caha. Kuva rero ico gihe ubwo bwami bwabayeho mu ntumbero no kubw’amasezerano y’Imana, kandi ku bwo ukwizera, abantu barabwegukira. Ariko ntibwari bwashirwe ku mugaragaro imbere yuko Yesu apfa. Mbere n’aho Umukiza yari amaze gutangura igikorwa ciwe kw’isi, ku bwo kunanizwa n’ukudashima kw’abantu hamwe n’ukutumva kwabo, yari gushobora kwisubirako, umusaraba w’i Kaluvari akawirinda. I Getsemani, igikombe c’umururazi cari mu minwe yiwe cahatswe kumukorokana. Yari gushobora kwihanagura icuya c’amaraso camutemba mu maso maze akareka iyi si ikarimbukira mu bigabitanyo vyayo. Iyo ibi abikora, nta gucungurwa kwari kuboneka ku bantu baguye mu caha. Ariko igihe Umukiza yatanga ubuzima bwiwe, maze ariko aracikana akavuga cane ngo « Birarangiye ”, ico gihe umugambi w’agakiza wari uhejeje gushirwa mu ngiro. Isezerano ryo gucungurwa ryari ryahawe Adamu na Eva muri Edeni ryari rihejeje kwemezwa. Ubwami bw’ubuntu, bwari bwabayeho imbere y’igihe kubwo amasezerano y’Imana, bwari buhejeje gushingwa.IB 251.3

    Rero urupfu rwa Kristo - ikintu abigishwa babonamwo uguherengetezwa kw’ivyizigiro vyabo - ni rwo rwatumye ubwo bwami buhangama ibihe vyose. Naho rwari rwabakwegeye mu mwiheburo w’ubugesera, urwo rupfu cari ikimenyetso kidasanzwe cerekana ko ivyo bari bizeye kwari ukuri. Icari catumye barangwa n’umwiheburo hamwe n’ukwidoga ni co cari cashoboye kwugururira urugi rw’ivyizigiro umwana wese wa Adamu, kandi ni naco cari ishimikiro ry’ubuzima bwo muri kazoza n’umunezero wamaho w’aberanda b’Imana bo mu runganwe rwose.IB 252.1

    Intumbero z’imbabazi zitagira aho zigarukira zari zihejeje gushitswa mbere no mu mwiheburo w’abigishwa. Naho imitima yabo yari yiziziwe n’ubuntu bw’Imana hamwe n’ubushobozi bw’inyigisho z’uwo « batari bwabone umuntu avuga nka we » ; ariko kuri iyo zahabu yerekana urukundo bakunda Yesu hari hishamitseko imigambi y’ivy’isi hamwe n’ivyipfuzo vyo kwikunda. Ku buryo n’igihe bari mu cumba bariko basangira Pasika, mu gihe hari hashitse isaha ihambaye aho Umwigisha yari yatanguye kwinjira mu mwiza w’i Getsemani, hariho « impari muri bo z’uwo bagereranya ko ari umukuru uw’ariwe. » (Luka 22: 24) Mu maso yabo hamwe no mu vyiyumviro vyabo harimwo intebe y’ingoma, urugori hamwe n’icubahiro ; mu gihe imbere yabo gato gusa haboneka ubumaramare n’umuniho vyo muri Getsemani, icumba co kuburaniramwo umusaraba w’i Kaluvari. Ubwibone bw’umutima wabo, irari ry’icubahiro c’ivy’isi ni vyo vyatumye biyomeka ku buryo butomororwa ku nyigisho z’ibinyoma zo mu gihe cabo, maze ntibatega amatwi amajambo y’Umukiza yerekana neza akaranga k’ukuri k’ubwami kandi atumbereye ku miniho yiwe n'urupfu. Kandi ayo makosa yari yabazaniye amageragezwa — akomeye ariko akenewe - yari atumbereye kubakosora. Nubwo abigishwa batari batahuye ico ubutumwa bwabo bwavuga, kandi bakaba bari bananiwe kubona ico bwabatumberezako, ariko bari bashoboye gushikiriza imburi y’Imana bari bahawe, kandi Umwami yari kubashimira ukwizera kwabo no kubashira hejuru kubwo ukugamburuka kwabo. Ni bo bari barahawe igikorwa co kumenyesha amahanga yose ubutumwa bw’icubahiro bw’Umwami wabo yazutse. Kubera yuko bategerezwa kwitegurira ico gikorwa, ni co gituma vyabaye nkenerwa ko bashikirwa n’ibintu babona nk’umururazi.IB 252.2

    Yesu amaze kuzuka yiyeretse abigishwa biwe bariko baraja i Emawusi maze « atangurira kuri Mose, no kubavugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu Vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we. » (Luka 24: 27) Imitima yabo yaratangaye kandi irakorwako, ukwizera kwabo kwarongeye kuvyukirana. Bari bongeye « kurangwa n’ubuzima bw’ivyizigiro » Yesu mbere atarabihishurira. Intumbero yari afise yari iyo kumurikira ugutahura kwabo kandi akabohera ukwizera kwabo « kw’ijambo ry’ukuri ry’ubuhanuzi. » Yipfuza ko ukuri kwoshinga imizi ku buryo bukomeye mu vyiyumviro vyabo, atari nko gushigikirwa n’igishingantahe ciwe bwite, ahubwo ari ukubera ikimenyamenya kidasubirwako kiboneka kubwo ibimenyetso n’ibipfungu vy’ibwirizwa ryari mu kibanza c’irizohishurwa, hamwe n’ubuhanuzi bwo mw’Isezerano rya kera. Vyari nkenerwa ku bayoboke ba Kristo ko bagira ukwemera kurimwo ubwenge atari ukurondera ineza yabo bonyene, ahubwo ari no kugira ngo bashobore kujana ubwo bumenyi bwa Kristo mw’isi. Rero nk’intambuko ya mbere yo kubaronsa ubwo bumenyi, Yesu yatumbereje amaso y’abo bigishwa kuri Mose no ku bavugishwa nimana. Ico ni co gishingantahe catanzwe n’Umukiza yazutse kubwo agaciro n’akamaro kivyanditswe vyisezerano rya kera.IB 252.3

    Mbega ukuntu habaye ihinduka mu mitima y’abigishwa mu gihe bari bongewe kandi kubona mu maso h’umwigisha wabo! Mu buryo bunyuranye kandi buringaniye n’ubwa mbere, bari « babonye umwe Mose yandika mu mabwirizwa kandi n’abahanuzi bakavuga ivyiwe. » Ugukekeranya, agahinda, ukwihebura, vyasubiriwe n’ukurema gushimitse, ukwizera kudatwikiriwe n’ikintu na kimwe. Mbega ukuntu vyari bihimbaye kubona amaze kuduzwa mw’ijuru « bama bari mu rusengero, batazira kandi bashima Imana ». Abantu bari basanzwe bazi gusa urupfu rw’agashinyaguro Yesu yapfuye, bari biteze kubona mu maso yiwe agahinda, uguta umutwe, hamwe no gutsindwa ; ariko babonye hakaka umunezero n’intsinzi. Mbega ukuntu aba bigishwa bari bateguriwe iki gikorwa cari imbere yabo ! Bari baciye mu bihe bigoye cane bitari vyaboroheye namba kandi bari babonye, mu gihe ivyo umuntu yari yiteze kubona vyari vyasenzwe vyose, ingene ijambo ryimana ryo ryari ryashikijwe mu ntsinzi. None icari kwongera guhungabanya ukwizera kwabo canke ngo gitimbishe urukundo rwabo cari iki ? Mu mibabaro itagira izina baharonkeye « ukurema cane ”, ivyizigiro vyari « ikizirika umutima gikomeye. »(Abaheburayo 6 : 18, 19) Bari biboneye n’amaso yabo ubukerebutsi n’ubushobozi bwimana kandi bari « bazi neza badakekeranya yuko naho rwoba urupfu cank’ ubugingo, cank’abamarayika cank’abaganza cank’ibiriho cank’ibizoba cank’abafis’ubushobozi cank’uburebure bw’igihagararo cank’uburebure bw’amajepfo cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kubatandukanya n’urukundo rwimana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu. » « Ariko mur’ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze. »(Abaroma 8: 38,39,37 ) « Arikw’ijambo ry’Uhoraho ryamah’ibihe bidashira.» (1 Petero 1: 25) Kandi ninde azobatsindisha ? « Mbega ni Kristo Yesu kandi ariwe yapfuye ? ibibiruta yarazutse, ari i buryo bwimana, bitayeko aradusengera. »(Abaroma 8 :34)IB 253.1

    Umwami aravuga ati : «kand’abantu banje ntibazokwongera kumaramara ». « Ukurira kworarira umuntu mw’ijoro ariko mu gitondo impundu zikavuga » (Zaburi 30 :5) Igihe ku musi wo kuzuka, abigishwa bahuye n’Umukiza maze imitima ikagurumbana muri bo bariko bumviriza amajambo yiwe ; igihe bitegereza umutwe, amaboko n’amaguru vyakomerekejwe ku bwabo ; igihe imbere y’uko aduzwa Yesu yabasohokana akabajana ahantu kure nk’i Betaniya, maze ateruriye hejuru amaboko yiwe akabahezagira akabinginga ngo « bagende mu bihugu vyose, babwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. » (Mariko 16: 15) ; yaranongeyeko n’iri jambo ngo: «ndi kumwe namwe imisi yose. »(Matayo 28:20); mu gihe imisi cumi yari iheze, ku musi wa Pentekote, Umwitsa yasezeranywe akamanuka maze bakaronswa ubushobozi buvuye mw’ijuru kandi imitima y’abizera ikumva ko Umwami wabo yaduze ari kumwe nabo - ico gihe rero, n’aho nk’uko vyari vyamugendeye, inzira yabo yabacishije mu kwitanga no kuba abamaratiri ; nta cari kwongera gutuma bokaba igikorwa c’ubutumwa bwiza bw’ubuntu hamwe « n’urugori rw’ubugororotsi » bazokwambikwa igihe azoba agarutse, n’icubahiro c’intebe y’ubwami y’iyi si yamye ari yo vyizigiro vyabo vya mbere bari bafise nk’abigishwa. Ushobora « gutanga ... ku rugero ruruta ivyo dushobora gusaba no kwiyumvira » yari yabahaye hamwe no gusangira imibabaro yiwe, gusangira umunezero wiwe ». Umunezero wo kuzana « abana benshi mu cubahiro », umunezero utagira uko wowuvuga, « icubahiro kiremereye kandi camaho ”, ari co Paulo yavugiyeko aya majambo : « Amarushwa yacu ahwahutse ni ayo igihe gitoya ”, ntaho noyagereranya n’iryo teka tubikiwe.IB 253.2

    Igikorwa caranguwe n’abigishwa bamenyekanishije « Ubutumwa bw’Ubwami » mu gihe c’ukuza kwa mbere kwa Kristo kirafitaniye isano n’ico abamamaje ukuza kwiwe kwa kabiri. Nk’uko abigishwa baja hirya no hino bamamaza ngo « igihe kirarangiye, ubwami bw’Imana buri hafi » ni ko na Miller n’abakorana nawe, bamenyesheje abantu ko ikiringo kirekire kandi gihereza c’ubuhanuzi kiboneka muri Bibiliya cagomba gushika ku musozo, ko igihe c’amateka cari hafi, kandi ko ubwami bw’ibihe bidashira bwari bugiye kwimikwa. Insiguro y’abigishwa yerekeranye n’ibiringo vy’umwanya yari ishingiye ku mayinga mirongo indwi yo muri Daniyeli 9. Ubutumwa bwahawe Miller hamwe n’abo bakorana bwavuga ivy’ishitswa ry’imisi 2300 yo muri Daniyeli 8 :14, kandi aya mayinga mirongo indwi yaharurwa muri yo. Ishitswa ry’ikiringo kimwe kimwe cose muri ivyo, ryari ryubakiye ku gushitswa kw’uruhande rutandukanye rw’ico kiringo kimwe c’umwanya c’ubuhanuzi buhambaye.IB 254.1

    Nk’uko vyashikiye abigishwa ba mbere, William Miller hamwe n’abo bakorana, na bo ubwabo ntibatahuye ku buryo bwuzuye ukuntu ubutumwa bari bahawe bwari buhambaye. Amakosa yari yararengejweko uruho rw’amazi n’ishengero kuva kera yari yarababujije gushika ku rugero rwo guhitamwo neza ingingo ihambaye yo mu buhanuzi. Rero n’aho bamamaje ubutumwa bari bahawe n’Imana ngo babuvuge kw’isi, bivuye ku gutahura ukutari kwo insiguro yabwo, barashikiwe n’ukwihebura.IB 254.2

    Mu gusigura Daniyeli 8 :14, « Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka”, Miller nk’uko vy amaze kuvugwa, yisunze iciyumviro wasangana abantu benshi ko « isi ariho hantu hera », kandi yizera ko « uguhumanuka kw’aho hantu hera » ari ugutongora isi ukoresheje umuriro mu gihe c’ukuza kw’Umwami. Igihe rero yasanga iherezo ry’imisi 2300 ryari ryaramaze kuvugwa, yaciye ashika ku ndunduro yuko iri humanurwa ata rindi uretse ukuza kw’Umwami. Ukwihenda kwiwe kwavuye ku kuba yaremeye iciyumviro wasangana abantu cerekeranye n’ihema ry’ibonaniro ic’ari co.IB 254.3

    Mu buryo bw’ingereranyo cari igitutu c’ikimazi hamwe n’ubuherezi bwa Kristo ; uguhumanurwa kw’ahera cane ni co cari igikorwa carangurwa n’umuherezi mukuru mu mpera z’umwaka ariko ararangura amabanga yiwe. Cari co gikorwa ca nyuma c’impongano - ugukura canke ugushira i ruhande icaha kikava mu bwoko bwa Isirayeli. Cagereranya igikorwa ca nyuma mu mabanga y’umuherezi wacu mukuru mw’ijuru ; mu gukura canke kwigiza ivyaha kure y’abantu biwe, vyanditswe mu bitabo vyo mw’ijuru. Iri ni ibanga ryasaba igikorwa co gutohoza, igikorwa c’urubanza ; kandi cabanjirije gato ukuza kwa Kristo ku bicu vyo mw’ijuru afise ubushobozi n’icubahiro cinshi ; kuko amaze kugaruka, ikintu cose kizoba camaze gufatirwa ingingo. Yesu aravuga ati : « Nzanye ingero kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze. » (Ivyahishuwe Yohana 22: 12) Iki gikorwa c’urubanza, gitangurira gato ukugaruka kwa Kristo, ni co ubutumwa bw’umumarayika wa mbere bwo mu Vyahishuriwe Yohana 14 :7 yashikirije avuga ati: « Mwubahe Imana kandi muyihimbaze, kuko igihe c’amateka yayo gishitse. ”IB 254.4

    Abashikirije iyi mburi batanze ubutumwa bw’ukuri mu gihe cabwo. Nk’uko abigishwa bo mu gihe ca mbere bamenyesha ngo « Igihe kirashitse, kandi Ubwami bw’Imana buri hafi » bisunze ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 9 ; ariko mu gihe batashoboye kubona yuko urupfu rwa Mesiya ruri muri ivyo Vyanditswe nyene ; ni nako Miller n’abo bakorana bamamaje ubutumwa buboneka muri Daniyeli 8:14 hamwe n’lvyahishuwe Yohana 14 :7, ariko barananirwa kubona ko hariho ubundi butumwa buboneka mu Vyahishuriwe Yohana 14 butegerezwa nabwo nyene gushikirizwa abantu imbere y’ukuza kw’Umwami. Nk’uko abigishwa bihenze ku bijanye n’ubwami bwategerezwa kwimikwa kw’iherezo ry’amayinga 70, ni nako abari bategereje ukugaruka kwa Yesu bihenze ku bijanye n’ivyategerezwa gushika mw’isozerwa ry’imisi 2300. Mu mpande zose habonekamwo ukwemera, canke mbere ukwifatanya n’inyigisho bagenda bahanahana buhoro buhoro zari zabagize impumyi ntibashobore kubona ukuri. Bose bashikije ubugombe bw’Imana mu kumenyekanisha ubutumwa yipfuza ko bubwirwa abantu ; kandi bose kubwo ugutahura nabi ubutumwa bashikiriza, bashikiwe n’ukwihebura. Ariko Imana yararanguye intumbero yayo nziza yari ifitiye abantu mu kwemera ko imburi yerekeranye n’ibihe vy’amateka ishikirizwa nk ‘uko yari. Umusi uhambaye wari hafi, kandi mu nteguro zayo abantu bategerezwa igihe runaka kwisuzuma kugira ngo bahishurirwe ivyari mu mitima yabo. Ubwo butumwa bwari bwaratanzwe kugira ngo ishengero rigosorwe kandi rihumanurwe. Abantu bategerezwa gufashwa kugira ngo babone nimba bakunda ivy’isi canke nimba bakunda Kristo canke ijuru. Barerekanye ko bakunda Umukiza ; hari hageze rero ko urwo rukundo barugaragaza. Boba bari biteguye guheba ivyizigiro n’ivyipfuzo bari biteze mw’isi, maze bagahana umunezero ikaze ukuza kw’Umwami wabo ? Ubutumwa bwari bugendereye kubashoboza gutahura neza inyifato yabo y’ukuri mu vya Mpwemu ; ni kubwo ubuntu bari baburungikiwe kugira ngo bubashoboze kurondera Umukiza mu kwihana no mu kwicisha bugufi.IB 255.1

    Ukwihebura kwabo nakwo, n’aho yari ingaruka y’ukuntu batahuye nabi ubutumwa bariko barashikiriza, kwari uko kubagirira neza. Kwari ukwo kugosora imitima y’abari barerekanye ko bakwiriye imburi. Imbere y’uwo mwiheburo mbega bari guhava baheba ugushingira intahe ukwizera kandi bakagwiza n’ubusa ivyizigiro bari bafise mw’ijambo ry’Imana ? Canke mu gusenga hamwe no mu kwicisha bugufi bari kurondera kumenya aho bananiriwe ntibashobora gutahura insiguro y’ubuhanuzi ? Ni bangahe muri bo bari bataye ubwoba, ibigumbagumba no gukwegwa n’ibigezweko ? Ni bangahe batizera kandi imitima yabo itari yakozweko ijana kw’ijana ? Abantu isinzi barerekana ko bashimye uguseruka kw’Umwami. Igihe bahamagarirwa kwihanganira ababakengera hamwe n’isi yabagiriza, hamwe no kuyungururwa kubwo uguteba no kwihebura, mbega bari guca basezerera ukwizera ? Kubera yuko batashotse ubwo nyene batahura ingere Imana ibitwararika, none bari guca bashira i ruhande ukuri gushigikiwe ku buryo butomoye n’igishingantahe c’ijambo ryayo ?IB 255.2

    Uku kuyungururwa ni kwo kwategerezwa kwerekana inkomezi zabo ; kubwo ukwizera nyakuri bafise, bagamburukiye ivyo bizera nk’inyigisho z’ijambo rya Mpwemu wTmana. Kwategerezwa kubigisha, nk’uko ivyabashikiye nyene vyabiberetse, ingorane zo kwemera inyigisho n’insiguro z’abantu, aho kureka Bibiliya ngo abe ari yo yisigura ubwayo nyene. Kubona barangwa n’ukwizera, amadidane n’akabonge bakwegewe n’ukwihenda kwababayeko vyategerezwa kubafasha kwikosora nk’uko bibereye. Bategerezwa kurushiriza kwegera ijambo ry’ubuhanuzi bakaryiga. Bategerezwa kumenyerezwa gusuzuma neza bitonze umushinge w’ukwizera kwabo; kandi bakitandukanya n’ikintu cose, n’aho coba cemewe ku buryo bwagutse, n’abakristo, ariko kibaba kidashinze imizi ku mushinge w'Ivyanditswe vy’ukuri.IB 255.3

    Ivyashikiye abo bizera ni navyo vyashikiye abigishwa ba mbere : mu gihe c’ingorane zikomeye, ikintu caboneka ko ari umwiza kuri bo bakumva ntibagisobanukiwe, cahavuye gishishurwa ku buryo bugaragara. Igihe bazobona « iherezo umwami yabateguriye », bagatahura yuko n’ubwo baciye mu bihe bigoye ku bwo ukwihenda kwabo, imigambi yiwe y’urukundo yari abafitiye yarayishikije ata n’umwe uhaze. Ibihe vy’imihezagiro baciyemwo vyabashoboje kumenya ko Umukiza ari umunyembabazi n’umuyakigongwe kandi ko «Inzira zose z’Uhoraho ari imbabazi n’ukuri ku bitondrera isezerano ryiwe n’ibishingantahe vyiwe. »(Zaburi 25 : 10)IB 256.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents