Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 24 - Ahera Cane

    Ingingo yerekeranye n’ihema ryera ni yo yari urupfunguruzo rwatumye abantu batahura ukugwa mu gahundwe kwo mu mwaka wa 1844. Iyo ngingo yatumye abantu babona ukuri kwuzuye gufatanganye kandi kutivuguruza, kwerekana ko ukuboko kw’Imana kwari kwarongoye igikorwa gihambaye cerekeranye no kwamamaza ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu ; kandi yerekana n’inshingano abantu bakwiye gukurikiza kuko yabaye urumuri rumurikira icicaro n’igikorwa abantu b’Imana bakwiriye kugira. Nka kumwe abigishwa ba Yesu inyuma ya rya joro rihambaye ry’umubabaro no kugwa mu gahundwe « banezerwa babonye Umwami”, ni nako abari barindiranye ukwizera ukugaruka kwiwe banezerewe. Bari baramwiteze ko aseruka mu cubahiro kugira ngo ahe impera abantu biwe. Aho ivyizigiro vyabo vyakabirana kubwo kugwa mu gahundwwe, Yesu ntibari bakimubona mu maso yabo kandi bashize ijwi hejuru nk’uko vyashikiye Mariya ari ku mva : « Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize. » Ubu rero, barongeye kumubona ari ahera cane, umuherezi wabo mukuru abakunda, agiye guseruka vuba nk’Umwami n’umucunguzi wabo. Umuco uvuye mw’ihema ryera waragaragaje kahise, k’ubu na kazoza. Batahuye ko Imana ari yo yari yabarongoye mu kutihenda kwayo. Naho batari bashoboye bo ubwabo gutahura ubutumwa bari batwaye, nk’uko vyashikiye abigishwa aho hambere, ariko ubwo butumwa bwari ubw’ ukuri ku mpande zose. Mu kubwamamaza bari bashikije intumbero y’Imana, kandi igikorwa cabo nticari capfuye ubusa mu Mwami. Ivyizigiro bizima vyongeye kubizizira maze bagira umunezero utagira uko uvugwa kandi wuzuye icubahiro.IB 303.1

    Ubutumwa bwompi dusanga muri Daniyeli 8 : 14 «Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu ; ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka » n’ubwo umumarayika wa mbere : « Mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse » (Ivyahishuriwe Yohana 14 :7 » butumbereza ku gikorwa ca Kristo mw’ihema ryera ahera cane, kw’itohozwa ry’urubanza ; ntibwatumbereza ku kugaruka kwa Kristo kugira ngo acungure abantu biwe kandi atsiratsize ababi. Ikosa ntiryari ryavuye mu guharura ibiringo vy’ubuhanuzi ahubwo ryari ryabaye mu kumenya ikintu nyezina cari gushika mu mpera y’imisi 2300. Kubera iri kosa ryari ryabaye, abizera bari bababaye cane kubwo kugwa mu gahundwe, ariko ibintu vyose ubuhanuzi bwari bwashikirije imbere y’igihe ; hamwe n’ikintu cose Ivyanditswe vyashingira intahe ko bokwitega, vyari vyashikijwe. Mu gihe nyene bariko baridoga kubwo guhungabana kw’ivyizigiro vyabo ; ikintu nyezina cari caravuzwe hakiri kare n’ubwo butumwa carashitse ; ico kintu nyene categerezwa gushika imbere y’uko Umwami aseruka kugira ngo ahe impera abantu biwe.IB 303.2

    Kristo yari yaje ariko ntiyari yaje kw’isi, nk’uko bari bavyiteze ; ariko yari yinjiye ahera cane h’ihema ryera ryo mw’ijuru ; nk’uko vyari bimeze mw’ihema ngereranyo ryo mw’isi. Ni we umuhanuzi Daniyeli yerekana aje muri kino gihe kuri wa wundi wa mbere na mbere. « Kandi mu vyo neretswe mw’ijoro nagize ntya mbona haje uwusa n’umwana w’umuntu - ataje kw’isi- azananye n’ibicu vyo kw’ijuru ,aza kuri wa wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza »( Daniyeli 7:13)IB 304.1

    Uwavugishwa n’Imana Malaki nawe nyene yaravuze imbere y’igihe ivy’ukwo kuza : « kand’umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa ; eh’araje nik’ Umwami Uhoraho nyen’ingabo agize » (Malaki 3:1) Ukuza kw’Umwami mu rusengero rwiwe kwashitse giturumbuka, abantu biwe ntibari bakwiteze. Aho siho bariko baramuronderera. Bari bamwiteze ko aza kw’isi, « hagati mu rnuriro waka yishure guhorwa abatamenye Imana n’abatumvira ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yesu. »(2 Ab’i Tesalonike 1:8)IB 304.2

    Ariko abantu ntibari bwitegure gusanganira Umwami wabo. Hari hakin igikorwa co kwitegura kuri bo. Umuco wategerezwa gutangwa, ugatuma batumbereza ivyiyumviro vyabo kw’ihema ry’Imana ryo mw’ijuru ; kandi kubera ko kubwo ukwizera bategerezwa gukurikirana umuherezi wabo mukuru mu mabanga ari buharangurire, hariho n’ayandi mabanga mashasha yategerezwa guhishurwa. Ishengero ryari rigikeneye ubundi butumwa bw’imburi n’ukwigishwa.IB 304.3

    Uku ni ko uwavugishwa nimana avuga « Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’azoserukira ? Kukw’ameze nk'umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi. Kand’azovyagira nk’uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’inkamba : kand’abahungu ba Lewi azobamaramw’inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza, maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi. (Malaki 3: 2, 3) Abazoba babayeho igihe Kristo azoba yarangije igikorwa co kutwingingira ku Mana mw’ihema ryera ryo mw’ijuru, basabwa kuzohagarara imbere y’inyonga z’Imana itunganye batagira uwubavuganira. Imyambaro yabo itegerezwa kuzoba yarahumanuwe icaha kubwo kwozwa n’amaraso ya Kristo. Kubwo ubuntu bwimana hamwe n’ukwinanata kwabo, bategerezwa gutsinda urugamba rw’aho bahanganye n’ikibi. Mu gihe itohozwa ry’urubanza rikibandanya mw’ijuru, mu gihe ivyaha vy’abemera bihanye biriko birakurwa mw’ihema ryera ryo mw’ijuru, hategerezwa kubaho igikorwa kidasanzwe co guhumanura, co kwigiza icaha kure, hagati y’ubwoko bwimana hano kw’isi. Iki gikorwa cerekanywe ku buryo bugaragara mu butumwa dusanga mu Vyahishuwe 14.IB 304.4

    Iki gikorwa ni camara kurangira, abakurikiye Kristo bazoba biteguriye uguseruka kwiwe. « Ni ho amashikanwa y’i Buyuda n’i Yerusalemu azohimbara Uhoraho nk’uko vyamuhimbara mu misi ya kera no mu myaka yahise. »( Malaki 3: 4) Aho rero ni ho ishengero Umwami wacu azokwakira agarutse rizoba « rifise ubwiza, ridafise amarabaga cank’injebejebe cank’ikintu cose gisa gutyo »(Abanyefeso 5 :27). Ico gihe «rizoba risa n’umutwenzi utambitse, ari ryiza nk’ukwezi, rikayangana nk’izuba, riteye ubwoba nk’igitero c’ingabo zigendana amabendera » (Indirimbo 6:10).IB 304.5

    I ruhande y’ukuza kw’Umwami mu rusengero rwiwe, uwavugishwa nimana Malaki yaranavuze ivy’ukugaruka kwiwe, agarukanywe no guca imanza. Yabivuze muri aya majambo : « Kandi nzobegera nee amateka ; nzokwihutira kwagiriza abarozi n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukira, nanje ntibanyubahe ni k’Uhoraho nyen’ingabo agize » (Malaki 3: 5). Ivyo Malaki yabonye ni vyo Yuda agarukako iyo avuga ati : « Eh’Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe, kugira ngo acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha » (Yuda 14 , 15). Uyu muzo uvugwa hano, hamwe n’ukuza kw’Umwami mu rusengero rwiwe, ni ibintu bibiri bidasa kandi bitandukanye.IB 304.6

    Ukwinjira kwa Kristo nk’umuherezi mukuru ahera cane kugira ngo ahumanure ihema ryera nk’uko biboneka muri Daniyeli 8:14; uguseruka kw’umwana w’umuntu imbere ya wa wundi wa mbere na mbere nk’uko vyashikirijwe muri Daniyeli 7:13; hamwe n’ukuza kw’Umwami mu rusengero rwiwe , nk’uko vyamenyeshejwe na Malaki ; vyose bitumbereza ku kintu kimwe. Kandi iki naco kigereranywa n’ukuza kw’umukwe mu bugeni, nk’uko Kristo yabishikirije muri wa mugani w’inkumi cumi wo muri Matayo 25.IB 305.1

    Mu ci no mu gatasi k’umwaka w’1844, aya majambo yaramamajwe cane : « Nguriya umukwe araje ». Aho rero ni ho ya mirwi ibiri igereranywa n’inkumi z’incabwenge hamwe n’iz’ibijuu yigaragaza. Umurwi umwe warabana ukugaruka kwa Yesu Kristo umunezero, kandi wari waritonze uritegura kugira ngo umusanganire ; uwundi murwi nawo wari wasunitswe n’ubwoba hamwe n’ibigumbagumba, wari wanezerejwe n’inyigisho zijanye n’ukuri ariko ntiwari wuzuye ubuntu bw’Imana. Mu mugani havuga ko, aho umukwe yashika abari basinziriye biteguye binjiranye nawe mu bugeni. Ukuza kw’umukwe nk’uko kwerekanywe hano, kwashitse imbere y’ubugeni. Ubugeni bugereranya Kristo ahabwa kuvyagira ku ntebe y’inganji y’ingoma yiwe. lgisagara cera, Yerusalemu nshasha, giserukira ubwami kandi kikabubera n’umurwa mukuru, nico ciswe « umugeni, umutambukanyi w’umwagazi w’intama ». Uku niko umumarayika yabwiye Yohana nk’uko avyivugira : «Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw’ijuru ku Mana » (Ivyahishuriwe Yohana 21 :10) Biratomoye rero, umugeni agereranya igisagara cera, kandi inkumi zisohotse hanze gusanganira umukwe zigereranya ishengero.Mu gitabo c’Ivyahishuriwe Yohana, abantu b’Imana bagereranywa n’abatumire mu mazimano y’ubugeni. Rero ari « abatumire, ntibokwongera ngo babe ari bo bagereranya umugeni. Nk’uko vyashikirijwe n’uwavugishwa n’lmana Daniyeli, Kristo azohabwa na wa wundi wa mbere na mbere mw’ijuru, « inganji n’icubahiro n’ubwami ». Azohabwa « Yerusalemu nshasha, umurwa mukuru w’ubwami bwiwe, «witeguwe nk’uk’umugeni asharizwa umugabo wiwe » (Ivyahishuriwe Yohana 21 :2). Amaze guhabwa ubwami, azoca yinjira mu cubahiro ciwe nk’umwami w’abami n’umukuru w’abatware, kugira ngo acungure abantu biwe, « bazokwicarana na Aburahamu, na Isaka na Yakobo » ku meza y’Ubukwe bw’umwagazi w’intama.IB 305.2

    Ukwamamaza hose mu ci ry’umwaka wa 1844 ngo « nguriya umukwe araje » kwatumye abantu ibihumbi bitega ukuza kw’Umwami. Ku gihe nyezina cavuzwe, umukwe yaraje ; ariko ntiyaje kw’isi nk’uko bari bavyiteze ; ariko yaje imbere ya wa wundi wa mbere na mbere mw’ijuru mu bugeni, gushikirizwa ubwami bwiwe. Abari basanzwe biteguye binjiranye nawe mu birori vy’ubukwe, maze urugi rurugagwa. Ntibategerezwa kwishikira bo ubwabo muri ubwo bukwe ; kuko bwabereye mw’ijuru, mu gihe bo bari kw’isi. Abakurikiye Kristo bategerezwa « kumera nk’abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe” (Luka 12:36). Ariko bategerezwa gutahura igikorwa ciwe, kandi bakamukurikira kubwo kwizera igihe yinjira akarenguka imbere y’Imana. Ni muri ubu buryo bivugwa ko binjiranye nawe mu bugeni.IB 305.3

    Nk’uko Yesu yabishikirije mu mugani, abari bafise amavuta mu matara yabo ni bo binjiraye mu bukwe. Abandi nabo bari basanzwe bazi ukuri kuboneka mu vyanditswe, bafise kandi Mpwemu w’ubuntu bw’Imana, kandi bakaba muri rya joro ry’amageragezwa akomeye, bararindiriye bihanganye, barondera mu vyanditswe umuco wisununuye - aba ni bo bahishuriwe ukuri kwerekanywe n’ihema ryera mw’ijuru hamwe n’ukuntu Umukiza yahinduye igikorwa yari asanzwe arangura, kandi kubwo ukwizera baramukurikiye mu mabanga arangurira mw’ihema ryo mw’ijuru. Kandi abo bose, kubwo ugushinga intahe kw’Ivyanditswe bemeye ukwo kuri nyene, bakurikira Yesu kubwo kwizera igihe yinjira imbere y’Imana kurangura igikorwa ciwe ca nyuma co kuduhuza n’Imana, kandi kimaze kurangira agahabwa ubwami; abo bose bagerereranijwe nk’abagiye gutaha ubukwe.IB 306.1

    Mu mugani uboneka muri Matayo 22, iyo mvugo itumbereza ku bukwe naho nyene yarakoreshejwe, kandi igihe co gutohoza urubanza kirerekanwa neza ko gishika imbere y’ubugeni. Imbere y’uko ubugeni bushika, Umwami yarinjiye kugira ngo arabe abatumire, kuraba nimba abantu bose bari bambaye impuzu y’ubukwe, impuzu itagira amarabaga ya kamere yamesuwe mu maraso y’umwagazi w’intama maze ikera. Uwo wese afise ico ahajije yahindiwe hanze, ariko abo bose bamaze gusuzumwa bagasanga bambaye impuzu y’ubukwe baremewe n’Imana kandi baharuwe nk’ababereye gusangira nawe inganji y’ubwami bwiwe hamwe no kuronka ikibanza ku ntebe y’ubwami. Iki gikorwa co kwihweza ivya kamere y’umuntu, co kugena abiteguriye ubwami bw’Imana, ni co cerekeranye no gutohoza urubanza, ni naco gikorwa ca nyuma kizorangurirwa mw’ihema ryera ryo mw’ijuru.IB 306.2

    Igihe igikorwa co gutohoza imanza kizoba kirangiye, igihe ibibazo vy’abantu bose babayeho berekana ko bakurikira Kristo bizoba vyakurikiranywe kandi bigafatirwa ingingo, aho ni ho honyene igihe c’imbabazi kizoba kirangiye. Kandi urugi rw’imbabazi ruzoca rwugarwa. Ibi ni vyo vyashikirijwe muri iri ryungane rimwe rigufi : « abari biteguye binjirane na we mu cumba c’ibirori maze urugi rwugarwe. » Ibi bitwereka iherezo ry’igikorwa c’Umukiza, igihe igikorwa gihambaye co gukiza umuntu kizoba kirangiye.IB 306.3

    Mu mabanga yarangurirwa mw’ihema ryera ryo kw’isi, akaba nayo nk’uko twahibonye yari ikigereranyo c’amabanga arangurirwa mw’ihema ryera ryo mw’ijupj. igihe umuherezi mukuru ku musi mukuru w’impongano yinjira ahera cane, igikorwa cari gisanzwe kirangurirwa mu cumba ca mbere c’ahera caciye gihagarara. Imana yagenye ngo « Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw’ihema ry’ibonaniro igihe Aroni yinjira ahera kuhatangira impongano gushitsa aho azoba asohokeye »( Abalewi 16 :17). Rero igihe Kristo yinjira ahera cane kugira ngo aheraheze igikorwa co kuducungura, yaciye ahagarika igikorwa yari asanzwe arangurira mu cumba ca mbere, ahera. Ariko igihe igikorwa co mu cumba ca mbere cahagarara, igikorwa c’ahera cane, mu cumba ca kabiri, caciye gitangura ubwo nyene. Igihe mw’ihema ry’ingereranyo ryo kw’isi, umuherezi mukuru ku musi mukuru w’impongano yahaguruka akava ahera, yaca yinjira ahera cane imbere yimana kugira ngo ashikane amaraso y’ikimazi gitanginva ivyaha ku neza y’Abisirayeli bose bihanye vy’ukuri ivyaha vyabo. Rero igikorwa conyene Yesu amaze kurangura nk’umuntu atuvugira ni kimwe ; ico kimaze kurangira yaciye atandukira ikindi gice c’igikorwa, kandi abandanya gusabira abanyavyaha ikigongwe kwa Data kubwo amaraso yasheshe ku bwabo.IB 306.4

    Abari bategeije Yesu mu mwaka w’1844 si uko batahura ibintu ico gihe. Bamaze kubona igihe bari biteze ko Yesu agaruka kirangiye ataje, bakomeje biyumvira yuko ukuza kwiwe kuri hafi; baratahuye yuko bari bashitse mu bihe bigoye kandi ko igikorwa ca Kristo co kwingingira umuntu imbere yimana cari cahagaze. Kuri bo bisa nk’uko babona ko Bibiliya yigisha yuko igihe c’imbabazi ku muntu kizohera imbere y’umwanya muto ngo Umwami Yesu agaruke ku bicu vyo mw’ijuru. Ibi vyasa nk’uko ari vyo ufatiye kuri biriya bisomwa vyerekana yuko hari igihe kimwe igihe abantu bazorondera, bakomange kandi banahamagare cane, ku rugi rw’imbabazi, ariko ntiruzokwuguruka. Rero bari basigaye bibaza nimba itariki bari biteze ko Yesu agarukako atari yo ahubwo yari intango y’ico kiringo gitegerezwa kubanziriza ukuza wiwe. Kubera yuko bari batanze imburi yuko igihe c’amateka cegereje, biyumviriye yuko igikorwa cabo co kugabisha isi cari caranguwe, maze baca baritezurira umutwaro wo kwitwararika gukiza imitima y’abanyavyaha, mu gihe kandi agatwengo n’agakengerwe abatizera bari babafitiye babibona nk’ikindi kimenyamenya cerekana ko Mpwemu w’Imana yazibukiriye abanse kwakira ikigongwe c'lmana. Ibi vyose vyatuma barushiriza kwemera yuko igihe c’imbabazi carangiye ; canke nk’uko babivuga ico gihe, ko « urugi rw’imbabazi rwiyugaye.”IB 307.1

    Ariko ukurushirizaho kwiga ivy’ihema ryera vyabafashije kuronka umuco utomoye. Ubu rero barabonye ko batihenze mu kwemera yuko iherezo ry’imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu mu mwaka w’1844 ryashikanye ku bihe bigoye. Ariko n’ubwo kwari ukuri yuko urwo rugi rw’ivyizigiro n’imbabazi abantu binjiriyemwo mu gihe c’ibinjana icumi n’umunani bagashikira Imana, rwari rwiyugaye, urundi rugi rwari rwiyuguruye kandi abantu barababarirwa ivyaha kubera ukwinginga kwa Kristo ahera cane. Uruhande rum we rw’igikorwa yari ahejeje rwari rwasozerewe kugira ngo urundi ruhande rutangure. Mw’ihema ryo mw’ijuru hari hakiriho « urugi rwuguruye », aho Kristo yariko ararangurira amabanga ku neza y’umunyavyaha.IB 307.2

    Aha rero ni ho baboneye ugushirwa mu ngiro kw’amajambo ya Kristo yahishuye kandi yashikirije yerekeranye n’ishengero ryo muri kino gihe : « Uwera, uw’ukuri, Ufise urufunguzo rwa Dawidi, Uwugara ntihagire uwugurura kand’Uwugurura ntihagire uwugara aravuga ibi: Ngo ndazi ibikorwa vya we (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, ntawushobora kurwugara)( Ivyahishuriwe Yohana 3 :7,8)IB 307.3

    Abakurikira Yesu kubwo kwizera igikorwa gihambaye c’impongano ni bo baronka akarusho k’igikorwa ciwe co gusabira imbabazi abanyavyaha ; abanka kwakira umuco ugaragazwa n’ayo mabanga yiwe, nta kintu na kimwe bahungukira. Abayuda banse kwakira umuco wagaragaye igihe Yesu yaza kw’isi ubwa mbere, bakanka kumwizera nk'umukiza w’isi, ntibashobora kuronswa imbabazi biciye muri we. Igihe Yesu Kristo yaduga mw’ijuru, maze kubwo amaraso yiwe yasheshe agahunda imigisha abigishwa biwe kubwo igikorwa co kubasabira imbabazi mw’ihema ryera ryo mw’ijuru, abayuda bagumye mu bwira ntibuce bwo gutanga ibimazi n’amashikanwa bitagifise agaciro. Amabanga ajanye n’ibikorwa vyo kugereranya canke vyo gukorera mu gipfungu yari arangiye. Urwo rugi abantu bari baramenyereye gucamwo kugira ngo bashike ku Mana rwari rwugawe ubutazokwongera kwugururwa. Abayuda bari baranse kumurondena baciye mu nzira imwe rudende bashobora kumubona bisunze igikorwa yariko arangurira mw’ihema ryera ryo mw’ijuru. Rero basanze batagishikirana n’lmana. Kuri bo urugi rwari rwugaye. Ntibari bazi ko Kristo ariwe kimazi kizima; ko ariwe wenyene aduserukira imbere y’Imana akadusabira ikigongwe. Nta kuntu rero bo bari gushobora kuronka imigisha kubw’ico gikorwa co kudusabira imbabazi.IB 307.4

    I vyashikiye abayuda batizera birerekana ibishikira bam we mu berekana ko ari abakristo ariko ugasanga ntibizera kandi bagafata ibintu minenerwe; bahisemwo kutarondera kumenya igikorwa umuherezi wacu mukuru w’imbabazi ariko ararangura. Mw’ihema ryo kw’isi, iyo umuherezi mukuru yinjira ahera cane, ab’Isirayeli bose basabwa gukoranira hafi y’ihema ry’ibonaniro kandi mu buryo atari ubwo umurenzako bagacisha bugufi imitima yabo imbere y’Imana; kugira ngo bashobore kuronswa imbabazi z’ivyaha vyabo kandi ntibakumirwe mw’ikoraniro. None s’ivy’ingirakamaro cane ko kuri uyo musi nyezina w’impongano twotahura igikorwa c’umuherezi wacu mukuru kandi tukamenya n’ivyo natwe dusabwa?IB 308.1

    Ntibishoboka y’uko umuntu yokwirengagiza imburi Imana mu mbabazi zayo imurungikira ngo areke gushikirwa n'igihano. Ubutumwa bwarungikiwe isi buvuye mw’ijuru mu misi ya Nowa, kandi ugukira kwabo kwari gufitaniye isano n’ingene bakiriye ubwo butumwa. Kubera yuko banse kwumvira iyo mburi, Mpwemu w’Imana yarakuwe hagati y’ubwoko bucumura, maze barimburwa n’amazi y’umwuzure. Mu gihe ca Aburahamu, ntivyakunze ko abantu b’i Sodomu babandanya kugirirwa imbabazi ; kandi bose uretse Loti n’umugore wiwe, n’abakobwa biwe babiri, batongowe n’umuriro uvuye mw’ijuru. Ni nako vyagenze mu misi ya Kristo. Umwana w'Imana yabwiye abayuda b'ico gihe bari banse kwemera : «Raba inzu yanyu muyitanywe ari umusaka » (Matayo 23 :38). Amaso atumberejwe ku misi ya nyuma, ubwo bushobozi nyene butagira aho buherera, bwisunze « abo batakira ukuri ngo bagukunde, kugira ngo bashobore gukizwa », buratangaza buti : « Nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo ngo bizere ibinyoma: kugira ngo abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirweko iteka » (2 Ab’Itesalonike 2 : 10-12) Kubwo kutazirikana inyigisho z’ijambo ryiwe, Imana ibakuramwo Mpwemu wayo, maze ikabareka bakaguma mu binyoma bishimira.IB 308.2

    Ariko Kristo n'ubu ntarahebura ; n'ubu aracaburanira umuntu, kandi abantu bose barondera umuco bazowuronka. N’ubwo abari bategereje ubwa mbere ivyo batabitahuye, bahavuye mu nyuma batomokerwa kubera yuko Ivyanditswe vyerekana neza na neza uko bahagaze, vyatanguye gutahurika.IB 308.3

    Ukurengana kw’igihe abantu bari biteze ko Yesu agaruka mu mwaka w’1844 kwakurikiwe n’igihe c’ingorane zihambaye kuri abo bakomeje bizera ko azogaruka. Icaberemesha conyene, ugerageje kuraba ukuntu batari borohewe, ni umuco baronse utuma batumbereza ivyiyumviro vyabo mw’ijuru. Bamwe barataye ukwizera bari bafise ubwa mbere na mbere mu guharura ibiringo vy’ubuhanuzi maze batangura kwitirira abantu canke abo Satani akoresha ubwaku buhambaye bwa Mpwemu Yera bwari bwaherekeje igikorwa co kwamamaza ukugaruka kwa Yesu. Uwundi murwi wakomeje kubona udakekeranya ko Umwami ari we yari yabarongoye mu bihe vyahise bari baciyemwo; kandi mu gihe bari barindiriye, bareretse kandi basenga kugira ngo bamenye ubugombe bw’Imana, babonye ko Umuherezi wabo mukuru yari yatanguye ayandi mabanga ajanye n’igikorwa ciwe ; maze kubwo kumukurikira mu kwizera bahavuye banashobora kubona igikorwa ca nyuma c’Ishengero. Bararonse ugutahura gutomoye kw’ubutumwa bw’umumarayika wa mbere hamwe n’ubw’uwa kabiri; kandi bari biteguye kuronka hamwe no kumenyesha isi imburi yashikirijwe n’umumarayika wa gatatu nk’uko biboneka mu Vyahishuriwe Yohana igice ca cumi na kane.IB 308.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents