Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 11 - Abaganwa Biyamiriza Ingingo Yafashwe Na Roma

    Kimwe mu bishingantahe vy’iteka vyerekeranye n’Ubugorozi ni ingene abaganwa b’abakristo bo mu Budagi barekuriwe kwerekana akababaro bafise mu nama yabereye i Spires, mu mwaka w’1529. Ubutwari, ukwizera hamwe n’ugushimika kw’abo bantu b’Imana kwakomoreye ababayeho mu myaka yakurikiye umwidegemvyo w’ivyiyumviro hamwe n’umutimanama. Kuba barerekanye ko bahakanye ni vyo vyatumye Ishengero rimaze kwakira inyigisho z’Ubugorozi rigira izina ry’Ishengero ry’Abaprotestanti; ingingo ntabanduka ngenderwako zaryo ni zo “zigize umushinge ryubatseko.” (DAubigne, b. 13, ch. 6.)IB 144.1

    Umwiza n’umusi uteye ubwoba ku bugorozi vyari vyashitse. Nubwo i Worms hari hafatiwe ingingo ivuga ko Luther ata tegeko na rimwe rikimukingira, ikongera kandi ikabuza kwigisha canke kwizera inyigisho ziwe, mu gihugu hari hakiriho ugusoneranira kw’amadini. Ubuntu bw’Imana bwari bwaburijemwo inkomezi zose ata kindi zashira imbere atari ukurwanya ukuri. Charles wa Gatanu yari yaramirije ngo arandure Ubugorozi; ariko igihe cose yahaguruka ngo agabe igitero yasanga imyampi yiwe yayitumbereje ahandi. Ariko mu gihe vyaboneka ku mugaragaro yuko abahirahiye bakerakana ko bahanganye n’inyigisho z’lshengero Gatolika ry’i Roma, ivyabo biri hafi kurangira, niho ingabo za Turkiya zatera burasirazuba. Umwami w’Ubufaransa mbere na Papa ubwiwe kubera ukugirira ishari ubutware bwa Charles wa Gatanu ko bwotera buja imbere, baciye nabo nyene bamurwanya. Ibihugu vyaciye birangwa n’ingorane hamwe n’imigumuko ku buryo Ubugorozi bwaharonkeye akaryo ko gukomera no gutsimbatara.IB 144.2

    Ariko rero impera n’imperuka, ibihugu vyose vyatwarwa n’abami b’abagatolika vyarumvikanye ko vyoshira hamwe mu kurwanya Ubugorozi. Inama yari yabereye i Spires mu mwaka w’1526 yari yarekuriye igihugu cose gutunganya ikibazo c’amadini nk’uko kibona bibereye mu kurindira ko iyindi nama ya bose ikorana. Ariko ntivyatevye, Charles wa Gatanu, abonye ingorane yari yamuteye gufata iyo ngingo iheze, yaciye yihutira gutumira aho i Spires nyene iyindi nama yari kwiga ikibazo c’ ingene ubugorozi bworangira. Abaganwa bose bagoberewe gushigikira ku neza uwo mugambi wo kurwanya Ubugorozi. Hamwe bitari gukunda ko ushirwa mu ngiro, Charles wa Gatanu yari yiteguye gukoresha inkota akawemeza ku nguvu.IB 144.3

    Iyo ngingo yaranejereje abayoboke ba Papa. Bitavye iyo nama y’i Spires ari benshi cane kandi berekana imbona nkubone ko bafitiye urwanko abagorozi n’abo bose babashigikiye.Ivyo vyatumye Melanchton ashikiriza aya majambo ati: “Twahindutse ibicibwa n’akabarore kw’isi, ariko Kristo azokubitiza akajisho ku bwoko bwiwe bugowe, kandi azobukingira.” (Ibid., b. 13, ch. 5.) Abaganwa bava mu ntara Ubugorozi bwari bwamaze kwakamwo indaro, barababujije muri iyo nama ko batokwemera ko ubutumwa bwiza bubandanya bumenyekanishwa muri izo ntara bavamwo. Ariko abantu b’i Spires bari banyotewe ku buryo budasanzwe ijambo ry’Imana. Ivyo vyatumye baca kubiri n’itegeko ryari ryatanzwe, abantu ibihumbi baza kwumviriza ubutumwa, bakoranira mu rusengero aho umutware w’intara ya Saxonie yari yashikiye.IB 144.4

    Ibi vyatumye ibintu birushirizaho kugorana. Umwami w’abami yaciye arungika intumwa kumenyesha abari baje mu nama ko kubera yuko ingingo yarekurira umwidegemvyo umutimanama yari yatumye habaho akajagari kenshi, ko asavye ko ifutwa. Iyi ngingo yari ifashwe itumvikanyweko n’abantu bose yarashavuje kandi iranagabisha abakristo bashira imbere kwamamaza ubutumwa bwiza. Umwe muri bo yaravuze ati: “Kristo arongeye kurwa mu maboko ya Kayafa na Pilato.” Abayoboke bishengero Gatolika ry’i Roma barushirije kurangwa n’ubugizi bwa nabi. Imvugo yabo yagaragaza ikibi bahetse mu mugongo. “Aba Turkiya ni bo beza ku bakurikiye Luther, kuko aba Turkiya bo barisonzesha ariko abakurikiye Luther ntavyo bakora. Hamwe vyoba nkenerwa ngo habeho guhitamwo hagati yivyanditswe vyera vyimana n’amakosa Ishengero ryagendeyemwo kuva kera, Ivyanditswe vyera vyimana ni vyo twokwigiza kure.” Melanchton ashinga intahe avuga ati: “Ku musi ku musi Ishengero rikoranye, Faber yama yongeye kudutera amabuye tweho abamamaza ubutumwa bwiza”. (Ibid., b. 13, ch. 5.)IB 145.1

    Amategeko yari yashizweho kugira ngo habeho ukwihanganiranira kw’amadini, kandi intara zari zarahaye ikaze Ubugorozi zari ziteguye guhagararira uburenganzira bwazo. Kubera yuko itegeko ry’i Worms ryari ryaciye Luther mu gihugu, ntiyari arekuriwe kuja i Spires. Ariko rero ikibanza ciwe cari caserutswemwo n’abo bari bafatanije igikorwa hamwe n’abaganwa Imana yari yahagurukije, kugira ngo bahagararire umurimo wayo mu bihe bidasanzwe nk’ivyo. Umuganwa Frederiko w’i Saxoni, umwe yakingira Luther, urupfu rwari rwamwikubiranije. Ariko rero John Duke, mwene wabo yari yamusubiriye, yari yakiranye umunezero Ubugorozi; kandi nubwo yari umunyamahoro, yakoresha inguvu n’ubutwari bwinshi mu bibazo vyose bijanye n’agaciro ko kwizera.IB 145.2

    Abarongozi bishengero Gatolika ry’i Roma basavye ko intara zemeye Ubugorozi zoba musi y’uburongozi bw’ubupapa. Ku rundi ruhande, abagorozi basavye ko umwidegemvyo wari waratanzwe ari wo wokwisungwa. Ntibari gushobora kwemera yuko ubutegetsi bw’i Roma bwongera kunigira mu menshi izo ntara zari zakiranye umunezero mwinshi ijambo ry'Imana.IB 145.3

    Inyuma y’uguharira bahavuye bumvikana yuko intara zose aho Ubugorozi butari bwashinge imizi, itegeko ryafatiwe i Worms ryategerezwa kuhubahirizwa; “Intara nazo aho abantu bataryubahirije kandi n’aho bitokunda ko baryubahiriza hatabayeho imigumuko, zari zikwiye n’imiburiburi kutagira ikindi kintu zihindura: nta kintu bari bakwiye kwigisha kijanye n’ivyo abantu batumvikanako, ntibari kubuza yuko hasomwa imisa, ntibari kureka ngo abakatolika bakire inyigisho za Luther.” (-Ibid., b. 13, ch. 5.) Izi ngingo zaremejwe n’inama kandi zaranejereje abapatiri n’abandi banyacubahiro bo mw’Ishengero Gatolika ry’i Roma.IB 145.4

    Iyo iri tegeko rihimirizwa, “Ubugorozi ntibwari gushobora gushika hirya no hino... aho butari bwamenyerwe, canke aho butari bwashinge imizi ku mushinge ukomeye... mbere n’aho bwari bumaze gushika.” (Ibid., b. 13, ch. 5) Abantu ntamwidegemvyo bari bafise wo kuvuga ikiri ku mutima. Ntibari barekuriwe guhindura ivyo bari basanzwe bemera. Kandi abaraba ryiza Ubugorozi barasabwa kwisunga izi ngingo zijanye n’ibibujijwe hamwe n’ibitemewe gukorwa. Hari hasigaye gato gusa umwizero abantu bari bafitiye isi ukazimanga. “Ugusubira kwongera gutsimbataza ubutware bw’ishengero Gatolika ry’i Roma... vyari kugarukana ata gukekeranya ububegito bwo mu bihe vyari vyarenganywe”, kandi akaryo “ko gusambura rwose igikorwa cari camaze guhungabanywa”, no kwicamwo ibice hamwe no gushigikira ibintu hatabanje kubaho kurimbura, kari kuba kabonetse. (Ibid., b. 13, ch. 5.)IB 145.5

    Igihe abari bemeye inyigisho z’Ubugorozi bagira akabonano ko guhanahana ivyiyumviro, bararabanye bafise ubwoba. Bose barabazanije bati: “Icokorwa ni igiki? Ibibazo bihambaye kw’isi ni vyo vyari bigezweko.” None abarongozi b’Ubugorozi bari kwiyorosha bakemera iryo tegeko? Muri iyi ngorane idasanzwe bari bashitsemwo, mbega ukuntu cari ikintu coroshe ku bugorozi kuba bwokwihenda! Mbega ukuntu hari kuboneka insiguro nyinshi n’izindi mpamvu zumvikana abantu bari gushobora kwuririrako ngo bemere bisunge iryo tegeko! Abaganwa bahaye ikaze ubugorozi bari bemerewe kugendera idini ryabo mu mwidegemvyo. Ubu burenganzira bwari burekuriwe n’abanyagihugu babo bari baremeye inyigisho z’ubugorozi imbere yuko iyi ngingo ifatwa. None ibi ntivyari ibintu bihagije vyo kubashimisha? Ingorane bari kuba bikinze hamwe bari kuba bemeye kwubahiriza iryo tegeko zari kuba zingana gute? Ukwanka kwubahiriza iryo tegeko vyari kubashikana ku ntambara n’amadidane bingana iki? Ni nde yari azi ico kazoza kari kubazanira? Ni muze tubumbatire amahoro; ni muze twakire iri shami ry'umwelayo Ishengero Gatolika ry’i Roma ririko riraduhereza, dusomore inguma z’Ubudagi. Bakoresheje ivyiyumviro nk’ibi abagorozi bari gushobora kuronka insiguro yari gutuma bemera itegeko ryari kubashikana hadaciye igihe kirekire kw'isamburwa ry’igikorwa bari batanguye.IB 146.1

    “Banejerejwe n’uko bihweje ingingo nshimikiro yari yabereye umushinge uwo mwumvikano bariko babagobereramwo, maze bemera kugira ico bakoze bashize imbere ukwizera. None iyo ngingo nshimikiro yari iyihe? Bwari ububasha Ishengero Gatolika ry’i Roma rifise bwo kugobera imitimanama y’abantu no kubankira umwidegemvyo wo kugira ico babaza. None bo ubwabo hamwe n’abaprotestanti bemeye kwisunga itegeko ryabo ntibari barekuriwe kwidegemvya mu vy’idini? Ego cane, ariko rero bigakorwa nk’ubuntu bagiriwe kubw’uwo mwumvikano, ntibibe uburenganzira na bumwe. Abo bose batari bemeye uwo mwumvikano, bari kurongorwa n’ingingo nkuru y’ itegeko; ivy’umutimanama nta gaciro vyari bigifise; Ishengero Gatolika ry’i Roma ryari umucamanza atihenda. Kwemera umwumvikano wari wagezweko cari ikimenyamenya kiboneka ko umwidegemvyo mu vyo kwemera utarenga imbibe z’intara ya Saxoni; ku zindi ntara zose rukristo zari zasigaye, ukwidegemvya kw’umutimanama canke ukwerekana ko uraba ryiza ijisho ry’Uo'jgorozi vyari ibicumuro bikomeye vyahanishwa ugushirwa mw’ibohero canke ukicwa baguturiye. Mbega bari kwemera yuko umwidegemvyo mu kwemera ugira imbibe ntarengwa? Ko umuntu wa nyuma yemera inyigisho z’Ubugorozi yamaze kuboneka? K’Ubugorozi bwamaze kwigarura agace kabwo ka nyuma k’igihugu? Kandi ko aho Ishengero Gatolika ry’i Roma ryagarukira, n’ubutunzi bwaryo bwategerezwa kuhatsimbatazwa? Mbega abagorozi bari kwemanga ko ata ruhara bafise mw’iseswa ry’amaraso y’abantu amajana n’ibihumbi; bo mu gushira mu ngiro uwo mwumvikano, bategerezwa kwemera gutanga ubuzima bwabo aho bari bari muri izo ntara zari musi y’ubutegetsi bw’ishengero Gatolika ry’i Roma? Gukora ikintu nk’ico vyari kuba bibaye ukugambanira ubutumwa bwiza hamwe n’umwidegemvyo rukristo , mu gihe ahubwo vyari bikwiriye gushigikirwa cane.”(Wylie, b. 9, ch. 15) Oya, bari gupfuma “baheba ikintu cose, mbere n’intara zose, ingori zabo, n’ubuzima bwabo.” (D'Aubigne, b. 13, ch. 5)IB 146.2

    “Iyi ngingo ni muze tuyiyamirize”, ni ko abaganwa bavuze. “Mu bibazo bijanye n’umutimana, ubwinshi bw’abantu sico gikwiye kuba urufatiro.” Abo bashingamategeko baramenyesheje bati: “Itegeko ryo mu mwaka w’1526 ni ryo dukesha amahoro igihugu kinezererewe: kurikura kwoba ari ugukwegera Ubudagi imigumuko hamwe n’ugucanamwo. Iyi nama nta bushobozi ifise bwo gukora ikintu kirengeye ico gukingira umwidegemvyo w’ukwemera kw’abantu gushika aho inama ya bose izokoranira.” (-Ibid., b. 13, ch. 5.) Gukingira umwidegemvyo w’umutimanama ni inshingano y’igihugu, kandi aha ni ho ububasha bwaco bugarukira ku bijanye n’ibibazo vy’ukwemera. Intwaro yose y’igihugu igerageza gutunganya canke kwubahiriza amategeko y’idini ikoresheje ubutegetsi bwa Leta iba iriko irasambura ingingo nshimikiro ihambaye iyo abakristo bashira imbere ubutumwa bwiza baharaniye mu butore.IB 147.1

    Abayoboke b’ubupapa bari biyemeje yuko bategerezwa gusambura ico bo bita “Ugushirukanya kurenze urugero”. Baciye batangura gutuma abashigikira ubugorozi bicamwo imigwi no gutera ubwoba abatari bwamenyeshe icese ko baburaba ryiza. Abari baserukiye ibisagara bifise umwidegemvyo basabwe kurenguka imbere y’inama kugira bamenyeshe nimba ingingo bari barumvikanyeko bazemera. Barasavye ko boba barabihanganiye kugira ngo bavyiyumvireko ariko biba ivy’ubusa. Babarengukanye imbere y’intahe, hafi y’igice c’abo bose bari ku ruhande rw’Abagorozi. Abo banse kwemera gukaba uburenganzira bw’abo bw’umutimanama hamwe n’ubwo kugira ijambo bari bazi neza yuko ingingo bafashe izotuma babavuga nabi muri kazoza, babacireko iteka mbere banabatoteze. Umwe muri bo yaravuze ati: “Dutegerezwa guhitamwo kwihakana ijambo ry’Imana, canke twemere duturirwe” (-Ibid., b. 13, ch. 5.)IB 147.2

    Umwami Ferdinand, uwari yaserukiye umwami w’abami muri iyo nama, yabonye ko iryo tegeko ryari guhava rituma habaho kwicamwo imigwi guhambaye, kiretse gusa abaganwa bahimirijwe kugira ngo baryemere kandi barishigikire. Yaciye akoresha ubuhinga bwo kubibumvisha, kuko yarabona neza ko gukoresha inguvu kuri abo bantu vyari gutuma barushiriza gushigikira ingingo bari bahagarariye. Rero ” yaringinze abo baganwa ngo bemere iryo tegeko, abumvisha ko umwami w’abami ni yumva ko baryemeye, bizomunezera.” Ariko rero, abo bantu b’abizigirwa, ubutegesi bemera bwari hejuru y’ubutegetsi bw’abatware b’iyisi; bamwishuye batekanye bati : “Umwami w’abami tuzomwubaha kandi tumwubahirize ku bintu vyose bizoba bitumbereye gutsimbataza amahoro n’icubairo c’lmana” (-Ibid., b. 13, ch. 5.)IB 147.3

    Imbere y’iyo nama, umwami yahavuye amenyesha umutware w’intara y’i Saxoni hamwe n’abagenzi biwe ko iryo tegeko “ryari rigiye kwandikwa bundi bushasha nk’iritanzwe n’umwami w’abami”, kandi ko “ata kindi kintu bazoba basigaranye co kwishigikiza uretse gushira aho benshi bashize”. Amaze gushikiriza ayo majambo, yaciye asohoka mu nama adahaye abagorozi akaryo na kamwe ko kwiyumvira ku majambo yiwe canke ko kugira ico bayishuyeko. Hararungitswe intumwa zo kumusaba kugaruka mu nama ariko ntaco vyashsitseko. Abonye bakomeje kumwinginga, yashoboye kubishura vyonyene ati: “Ico kibazo carangiye; igisigaye gusa n’uko mwemera mukagamburukira ibwirizwa” (-Ibid., b. 13, ch. 5.)IB 147.4

    Abantu bari ku ruhande rw’umwami w’abami bari bazi neza yuko abaganwa b’abakristo ico bari bushire imbere ari uko Ivyanditswe Vyera bishirwa hejuru y’inyigisho z’abantu hamwe n’ivyo basaba; kandi bari bazi y’uko aho hose bari bushigikire iyo ngingo, ubupapa ata bubasha buzoba bukihafise. Ariko rero, nk’abandi bantu ibihumbi vyinshi bo mu gihe cabo, babona gusa “ivyo bashobora kurabisha amaso”, barishigikira bo ubwabo bavuga ko ikintu gishigikiwe n’umwami w’abami hamwe na Papa ari co gihambaye gusumvya igishigikiwe n’Abagorozi. Iyo Abagorozi baba bubakiye ku bubasha bw’umuntu gusa, bari kuba ata bushobozi bafise nk’uko abayoboke ba Papa bavyiyunvira. Ariko nubwo bari bagize umurwi muto kandi bakaba bama banyinyurana n’abaserukira ubutware bw’Ishengero Gatolika ry’i Roma, bari bafise ubushobozi budasanzwe. Bahaye agaciro “ijambo ry’Imana barirutisha ingingo yafashwe n’inama, kandi Yesu Kristo Umwami w’abami n’umutware w’abatware bamurutisha umwami w’abami Charles.” (-Ibid., b. 13, ch. 6.)IB 148.1

    Kubera yuko Ferdinand yari yanse guha agaciro ivyo umutimanama wabo wemera, abo baganwa bafashe ingingo yuko batarazwa ishinga n’uko atari ho ari ariko ko bashikiriza bidatevye inama y’igihugu urwandiko rwerekana ko bahakanye. Baciye bakora icegeranyo c’ingingo bipfuza gushikiriza maze bazitangaza imbere y’inama:IB 148.2

    “Turahakanye, dukoresheje iyi nyandiko, imbere y’Imana umuremyi wacu, we acungera ubuzima bwacu, umucunguzi n’umukiza, kandi we azoducira urubanza umusi umwe, imbere y’abantu bose n’ivyaremwe vyose, ko twebwe, ku neza yacu n’iyo abantu turongoye, ko tutigeze twemera, canke ngo twifatanye mu buryo ubwo ari bwo bwose n’iri tegeko ryasohowe ku kintu cose gihushanije nimana, n’ijambo ryeranda ryayo, ku mutimanama wacu mu ntumbero yawo nziza, no ku gakiza k’imitima yacu.”IB 148.3

    “Erega hamwe twoba twemeye iri tegeko, twoba twemeje ko iyo Imana mushobora vyose ihamagaye umuntu ngo imumenyeshe ubwenge bwayo, uyo muntu ntashobora kwakira iyo ngabirano yimana.” “Nta nyigisho ushobora kuronka y’ukuri uretse iyo ijanye n’ijambo ryimana.... Umwami ntaturekurira kugira iyindi nyigisho twoshikiriza.... Ivyanditswe vyera bitegerezwa gusigurwa n’ibindi hamwe n’izindi nyandiko zitomoye....Iki gitabo ceranda mu bintu vyose kirabereye umukristo, kiroroshe gutahura, kandi cashiriweho kwirukana umwiza. Ku bwo ubuntu bw’Imana, ntaho tuzokwigera tuvirira kubungabunga no gukingira insiguro y’ijambo ryimana ryonyene nk’uko riboneka mu bitabo bigize Bibiliya vyo mwisezerano rya kera no mw Isezerano risha, ata kintu na kimwe twongeyeko corivuguruza. Iri jambo ni ryo kuri kwonyene; ni ryo tegeko rigenga inyigisho yose n’ubuzima bwose; kandi ntirishobora na gato kunanirwa canke ngo ritubeshe. Umuntu wese yubaka kuri uyu mushinge ntaco ubushobozi bwa Gehinomu buzomugira; ariko ubwibone bw’abantu buhushanije n’iri jambo buzocishwa bugufi imbere y’inyonga z’lmana.”IB 148.4

    “Kubw’iyo mpamvu, turahakanye ingoyi batubohesheje.” “Kandi hamwe n’ivyo, turiteze yuko nyene icubahiro umwami w’abami azogira imyifato imbere yacu nk’iy’umuganwa n’umukristo akunda Imana hejuru y’ibindi bintu vyose; kandi turamenyesheje ko twiteguye kumugamburukira no kumwubaha mbere na mwebwe nyene baganwa b’intore, kuko kuri twebwe ari igikorwa gikwiriye kandi gitunganye” (-Ibid., b. 13, ch. 6.)IB 148.5

    Iryo jambo ryarakoze ku mutima abajenama bari bamaze kuryumviriza. Benshi muri bo baratangaye cane mbere bibatera kumera magabo baravye ishaka abo bashikirije iryo jambo bari bafise. Kazoza ntibayibona neza; kuri bo yarimwo igipfungu. Imigumuko, ukwiyonkora, ugusesa amaraso, babona ko ata gishobora kubisivya. Ariko rero, Abagorozi bo, kubera ko batakekeranya ko ico bariko baraharanira ari ic’ukuri kandi ko bari bisunze ukuboko kw’Ushobora vyose, bari “buzuye ubutwari kandi bashimitse.”IB 149.1

    “lngingo zari muri ico cegeranyo kidasanzwe co guhakana basomeye inama... ni zo zigize intimatima y’Ubuprotestanti. Ico cegeranyo ciyamirije ibintu bibiri umuntu arengako akarimbi mu bibazo bijanye n’ukwizera. Ica mbere ni ukubona umutware mu vy’igihugu yiroha mu vy’Ishengero. Ica kabiri ni ukubona Ishengero rikoresha igikenye mu ntwaro yaryo. Abaprotestanti bo bashinze ko ikibereye ari uko umutimanama w’umuntu ari wo wofasha mu kurimbura itegeko ry’umutware mu gihugu kandi ko itegeko ry’ijambo ry’Imana rikwiriye kuba hejuru y’irifashwe n’Ishengero. Ubwa mbere ho bateranye n’ivyatsi ubutegetsi bw’igihugu bwisuka mu bintu vy’Imana. Hamwe n’abahanuzi ba kera mbere n’intumwa, baravuga bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana gusumvya uko twubaha umuntu.” Imbere y’urugori rw’ubwami rwa Charles wa Gatanu, bashize hejuru urugori rwa Yesu Kristo. Ariko rero ntivyagarukiye aho: baranamenyesheje ingingo ikomeye yuko inyigsho zose z‘umuntu zitegerezwa gusuzumwa hisunzwe amajambo y’Imana.”(Ibid., b. 13, ch. 6.) Ikindi kandi, abo baprotestanti baramenyesheje ko ari uburenganzira bwabo ko bamenyesha mu mwidegemvyo ivy’ukuri bemera. Ntibari kwemera gusa canke ngo bubahe, ariko kandi bari kwigisha ico ijambo ry’Imana rishikiriza. Hamwe n’ivyo ntibemera yuko abapatiri n’abatware b’ibihgugu bivanga muri izo nyigisho. Urwandiko rwashikirijwe i spires cari igishingantahe ntabanduka ciyamiriza ababuza abandi umwidegemvyo mu kwemera; hamwe n’ivyo cari icemezo gikomeye cerekana ko abantu bose bafise uburenganzira bwo gusenga Imana hisunzwe ivyo umutimanama wabo ubategeka.IB 149.2

    Iryo tangazo ryari ryamaze gushikirizwa. Ryari ryamaze gushirwa muri ntibate y’abantu ibihumbi n’ibindi kandi ryari ryamaze no kwandikwa mu bitabo vy’ijuru aho ata kigoro k’umuntu na kamwe korihanagura. Mu Budagi bwose, aho inyigisho z’ubugorozi zari zimaze kwemerwa, baciye bisunga ico candiko nk’ikimenyamenya c’ivyo bizera. Ahantu hose, abantu bafashe ico candiko nk’isezerano ry’ibihe vyiza bishasha bigiye kuza. Umwe mu baganwa bari aho i Spires yabwiye abo baprotestanti ati: “Icompa Imana ishobora vyose, yabagiriye ubuntu mugashobora gushinga intahe n’inguvu nyinshi, mu mwidegemvyo, ata bwoba, yobazigamira muri ukwo gushikama rukristo gushika ku musi tuzokwinjira mu bihe vyamaho.” (Ibid., b. 13, ch. 6.)IB 149.3

    Iyo inyuma y’intambwe bwari bushitseko, ubugorozi bwemera kutagira ikindi gikorwa bukora kugira ngo isi ishobore kuburaba neza, ntibwari kuba buhemutse ku Mana no kuri bwo nyene, ahubwo bwari kuba bwikwegeye kuzimangana. Ivyashikiye izo ntore z’abagorozi bifise icigwa ku runganwe rwose uko rugenda rukurikirana. Uburyo bwa Satani bwo gukora avuguruza Imana n’ijambo ryayo ntiburigera buhinduka; n’ubu nyene ntiyerekwa Ivyanditswe nk’uko vyafatwa nk’umurongozi w’ubuzima mu kinjana ca cumi na gatandatu. Muri iki gihe ca none, hariho kuja kure y’lvyanditswe hamwe n’ivyo bisaba; kandi birakenewe rwose ko tugaruka ku ngingo nkuru ngenderwako y’Ubuprotestanti: Bibiliya- kandi Bibiliya yo nyene, iyo ukwizera hamwe n’ibikowa vyacu vyenenako. Satani arondera inzira zose yokoresha kugira ngo ashike aho vyomworohera gusambura umwidegemvyo mu kwemera. Ubwo bushobozi bwa Antikristo abaprotestanti biyamirije i Spires, bukora uko bushoboye kugira ngo busubirane ikibanza bwatakaje. Ukwifatanya ku buryo ntabanduka n’ijambo ry’Imana kwabonetse mu gihe c’ingorane Ubugorozi bwaciyemwo, ni vyo vyizigiro vyonyene muri kino gihe bwokwubakirako.IB 149.4

    Hariho ibimenyetso vyerekana yuko abaprotestanti bageramiwe; ariko kandi hariho n’ibimenyamenya vyerekana yuko ukuboko kw’Imana kwari kwaramvuwe ngo gukingire abizigirwa. Ni muri ico gihe “Melanchton yahutagiza umugenzi wiwe, Simon Gryaneus amucisha mu mayira y’i Spires amujana ku ruzi Rhino amugobera ngo arujabuke. Simon Gryaneus yaratangajwe no kubona bamuhutagiza muri ubwo buryo. ” Umuntu w’umutama ntazi, w’icubahiro n’iteka, yaje imbere yanje maze ambwira ko mu kanya isase Ferdinand azoba arungitse intumwa zihagarariye ubutungane ngo zifate Gryaneus”, uko niko Melanchton yavuze.IB 150.1

    Uyo musi, Gryaneus yari yaguye mu gahundwe yumvise insiguro ishikirizwa na Faber, incabwenge y’indongozi mu bupapa. Kandi mu nyuma yari yamuhambariye kubona “ashigikira amakosa ateye isoni.” Faber yariyorobetse ntiyamwereka ko bimubabaje kubona amwubahuka maze aca yihutira kubibwira umwami, uno nawe aca asohora vuba na vuba itegeko ry’uko uyo mwigisha w’inshirukanya w’i Heidelberg bamufata. Melanchton ntiyigeze akekeranya yuko Imana yakijije umugenzi wiwe mu kurungika umwe mu bamarayika bera bayo kumuburira.IB 150.2

    “Ahagaze adakoma ku nkombe z’urwo ruzi Rhin, yararindiriye gushika aho umukuba w’amazi ujabukana Gryaneus kure y’abamuhiga. Melanchton amubonye amaze gushika ku nkombe yo hakurya, yaritangaje ati: “Aho rero; n’imiburiburi arakuwe mu menyo amerereje y’abanyotewe amaraso y’inzirakarengane.” Mu gihe yari amaze kugaruka i muhira, Melanchton yamenyeshejwe ko hariho abantu baje kurondera Gryaneus, bagasaka inzu yose ariko bakamuhebura.”(Ibid., b. 13, ch. 6.)IB 150.3

    Ubugorozi bwari bugeze aho bumenyekana ku buryo budasanzwe imbere y’abakomeye bo kuri iyi si. Umwami Ferdinand yari yanse kwumviriza abaganwa b’abaprotestanti; ariko bari bemerewe akaryo ko gushikiriza icari kibaraje ishinga imbere y’umwami w’abami hamwe n’imbere y’ikoraniro ry’abanyacubahiro mw’ishengero no mu gihugu. Kugira ngo batorere umuti imigumuko yari ihanze igihugu, Charles wa Gatanu, mu mwaka wakurikiye uyo abaparotestanti bamenyeshamwo ivyo badashigikiye, yahamagaje inama i Augsburg, kandi anamenyesha ko ariwe azoyirongora. Iyo nama banayitumiyemwo abarongozi b’abaprotestanti.IB 150.4

    Ubugorozi bwari bugeze aho umwansi ashaka; bwari bugeramiwe n’ingorane zihambaye ariko ababushigikira ntibari bwave kw’izima: babandanije kwizigira Imana mu gikorwa cabo kandi biyemeza kutigera bavirira ubutumwa bwiza. Abahanuzi b’umutware w’akarere ka Saxoni baramugobereye ngo ntiyitabe iyo nama. Baravuze bati: “Umwami w’abami yasavye ko abaganwa bitaba iyo nama kugira ngo bagwe mu mutego yateze. “Ubona atoba ari ukwigerezako kuja kwitaba iyo nama maze ukiyugaranira mu mpome z’igisagara hamwe n’umwansi wawe ahambaye?” Ariko abandi bashingantahe batanze inama bavuga bati: “Abaganwa ni barinduke vyonyene, maze igikorwa cimana kizoba cogoroye.” Luther yavuze ati: “Imana ni iyo kwizigira; ntizodukurako amaboko” (Ibid., b. 14, ch. 2. ) Uwo mutware w’i Saxonie yarahagurutse ari kumwe n’abamuherekeje aja i Augsburg. Bose barabona yuko yigerejeko, mbere benshi bagiye muri iyo nama imitima yabo idatekanye kandi itekewe n’ubwoba. Ariko Luther na Coburg bari babaherekeje, bashigikiye ukwizera kwabo kwariko kurahenebera, baririmba iyi ndirimbo bari banditse batanguye urwo rugendo “Umunara ukomeye ni Imana yacu.” Ibintu vyinshi biyumvira bikabatera ubwoba vyarakamanganye; imitima myinshi yari iremerewe yarasiwe n’umuco mu gihe bumva baremeshejwe no kwumva ibice bigize iyo ndirimbo.IB 150.5

    Abaganwa b’abaprotestanti bari bumvikanye ko bogira icegeranyo c’ivyo bemera giteguwe mu buryo bw’ubuhinga kandi cishimikije ibihamya vyo mu Vyanditswe, co gushikiriza imbere y’inama. Igikorwa co gutegura ico cegeranyo bari bagishinze Luther, Melanchton hamwe n’abafasha babo. Ico cegeranyo cari cemewe n'abaprotestanti bose nk’icandiko gihambaye cerekana ukwizera kwabo, kandi barakoranye kugira ngo bashire amazina yabo kuri co. Wari umwanya w’igosorwa udasanzwe. Abaprotestanti bari barajwe ishinga n’uko ikibazo cabo batogishira hamwe n’ibibazo vya politike; baratahura yuko Ubugorozi ata bundi bwaku bukwiriye kugira uretse ubwo buhabwa n’ijambo ryimana.IB 151.1

    Mu gihe abaganwa b’abakristo begera kugira ngo bashire umukono kuri ico cemezo, Melanchton yikitse hagati maze aravuga ati: “Uru ni uruhara rw’abanonosoye ivy’iyobokamana hamwe n’abungere; ibindi bibazo navyo ni vyo turekera ubutegetsi bw’abahambaye bo kuri iyi si”. Yohana w’i Saxoni yaciye yishura ati : “Imana ntiyemere ko uhirahira ngo unkumire muri uyu mugambi. Namaze gufata ingingo yo gukora ikintu cose kibereye, umutima wanje utarajwe ishinga n’urugori rwanje nambaye kubwo ubutegetsi. Ndipfuza kwemanga icese Umwami wanje. Inkofero y’icubahiro nambaye hamwe n’amabanga yo ku rwego rwo hejuru niremetse, ntibifise agaciro imbere y’amaso yanje gusumvya umusaraba wa Kristo.” Amaze gushikiriza ayo majambo yaciye yandika izina ryiwe ku rupapuro rwari rwateguriwe ico gikorwa. Uwundi muganwa afashe ikaramu ngo yandike yabanje gushikiriza aya majambo: “Nimba icuhahiro ca Yesu Kristo gisaba ko nkora igikorwa nk’iki, nditeguye.. .gusiga inyuma ivyo ntunze hamwe n’ubuzima bwanje.” Yabandanije avuga ati: “iconyorohera ni uko noheba abantu ntwara mbere n’intara njejwe, canke nkava mu gihugu narazwe n’abavyeyi aho kwakira iyindi nyigisho iyo ari yo yose inyuranye n’ uku gushinga intahe(Ibid., b. 14, ch. 6.) Uko ni ko kwari ukwizera no kurinduka kw’abo bantu bimana.IB 151.2

    Igihe cagenwe kigeze, bararengutse imbere y’umwami w’abami. Charles wa Gatanu avyagiye ku ntebe yiwe y’icubahiro, akikujwe n’abatware b’intara hamwe n’abaganwa, yarakiriye abaprotestanti b’abagorozi. Igishingantahe c’ukwemera kwabo carasomwe. Muri iryo koraniro rihambaye, ukuri kw’ubutumwa bwiza kwarashizwe hejuru ahagaragara, kandi n’amakosa y’ubupapa ntibayarengejeko uruho rw’amazi. Ico ni co catumye uwo musi bawutazira “Umusi uhambaye w’Ubugorozi kandi umwe mu misi y’icubahiro yo mu mateka y’ishengero rukristo hamwe n’ay’ikiremwa muntu.” (Ibid., b. 14, ch. 7.)IB 151.3

    Ariko rero hari hashize imyaka mike gusa umumonaki w’i Wittenberg ahagaze wenyene i Worms imbere y’inama y’igihugu. Noneho mu gishingo ciwe hari hahagaze intore z’abaganwa bahambaye bo mu gihugu. Luther bari bamubujije kurenguka i Augsbuig ariko yashikanyweyo n’inyigisho ziwe hamwe n’amasengesho. Yanditse avuga ati: “Ndanezerewe birenze urugero kuko nagiriwe ubuntu bwo kubaho gushika kuri iyi saha, aho Kristo yashizwe hejeuru icese n’ibi vyabona vy’iteka kandi bakabikorera mw’ishengero ry’abanyacubahiro. (Ibid., b. 14, ch. 7 ) Uko ni ko ijambo ry’Ivyanditswe ryashitse: “Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije.” (Zaburi 119:46)IB 152.1

    Mu gihe ca Paulo, Ubutumwa bwiza bwatumye bamufunga yabuvugiye ku murwa mukuru w’igihugu imbere y’abaganwa n’abatware. Rero muri kino kiringo, ico umwami w’abami yari yabujije ngo ntikivugirwe ku ruhimbi cariko kiravugirwa ku kirimba; ico abantu benshi babona ko kitabereye no kwumvirizwa n’abasuku cariko kirakurikiranwa n’abatware hamwe n’abami bo mu gihugu, batangaye. Abami hamwe n’abantu bahambaye nibo bari bagize ishengero ryariko rirumviriza; abaganwa bambaye ingori z’icubahiro ku mutwe ni bo bari bahindutse abasiguzi, insiguro nayo yari yerekeye ukugamburukira ukuri kw’Imana. Nk’uko umwanditisi umwe yabivuze “kuva mu gihe c’intumwa, nta gikorwa gihambaye cabayeho, canke ugushinga intahe kudasanzwe kuruta uko.” (D'Aubigne, b. 14, ch. 7)IB 152.2

    “Ivyo aba bantu bakurikiye inyigisho za Luther bavuze vyose ni ukuri, ntidushobora kubihakana”, ni ko umwepisikopi umwe ayoboka Papa yavuze! “Impvamvu zumvikana zo gutera guhakana igishingantahe c’umutware w’i Saxoni hamwe n’aba bafatanije wozikura hehe?”, uko ni ko uwundi munyacubahiro mw’ishengero, Dr. Eck yabajije. “Ukoresheje inyandiko z’intumwa hamwe n’iz’ abahanuzi, ntibishoboka”, iyo ni yo yari inyishu, “kiretse ukoresheje inyandiko z’abakurambere mw’ishengero hamwe n’ivyegeranyo vy’amanama.” “Ubu rero ndabitahuye”, ni ko uwari yabajije ikibazo yaciye yishura. “Ku bwanyu, abemeye inyigisho za Luther bakoresha Bibiliya, twebwe ntayo dukoresha.” (-Ibid., b. 14, ch. 8.)IB 152.3

    Bamwe mu baganwa b’Ubudagi bavuye ng’aho bakiriye inyigisho z’Abagorozi. Umwami w’abami we ubwiwe yaravuze ko ivyo abaprotestanti bashikirije ari ukuri. Ico gishingantahe cabo bahavuye bagisobanura mu zindi ndimi nyinshi maze bagikwiragiragiza mu Buraya bwose; kandi amamiriyoni baracemeye nk’ikimenyamenya c’ukwizera kwabo uko urunganwe rwagiye rukurikirana.IB 152.4

    Abo basuku b’abizigirwa ntibakora bonyene. Mu gihe abakuru, n’abafise ububasha, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru, bakorera hamwe, Umwami ntiyahevye abantu biwe. Iyo bibakundira gusa amaso yabo akuguruka, bari kuba babonye ikimenyetso n’ubufasha bw’Imana nk’ivyo umuhanuzi yari yigeze kubona mu gihe ca kera. Igihe umusuku wa Elisa yereka shebuka ingabo z’abansi zari zibakikuje, ku buryo bitari gukunda ko bashobora guhunga, uwo muntu w’Imana yarasenze aravuga ati: “Mwami, ndagusavye umwugurure amaso abone.” (2 Abami 6:17) Agize arabe, imisozi yari ishagajweko n’imikogote hamwe n’amafarasi vy’umuriro; zari ingabo zo mw’ijuru zishagaje kugira zikingire umuntu w’Imana Uko ni ko abamarayika bakingiye abagize uruhara mu bugorozi.IB 152.5

    Imwe mu ngingo nshimikiro Luther atigeze adohokako ni uko Ubugorozi butari bukwiriye gushigikirwa n’abakuru b’iyi si canke ngo bukoreshe ibirwanisho ngo bwigwanirire. Yanejerejwe no kubona ubutumwa bwiza bushingirwa intahe n'abaganwa bo mu gihugu; ariko aho bariko barahana ivyiyumviro vy’ingene bokorera hamwe kugira ngo birwanirire, yaciye avuga yuko “inyigisho y’ubutumwa bwiza nta wundi muntu yoyirwanirira uretse Imana yonyene”.... Uko uruhara rw'abantu rugenda ruba ruto muri ico gikorwa ni nako uruhara rw’Imana rurushiriza kwigaragaza. Ku bwa Luther, kwitega ubufasha hakoreshejwe imvo za politike vyari bifatiye ku bwoba hamwe no kutizigira kubera icaha.” (DAubigne, London ed., b. 10, ch. 14.)IB 153.1

    Mu gihe abansi bakomeye bariko bagira urunani rwo kurwanya ubugorozi, inkota ibihumbi nazo zari ziteguye kurusogota, Luther yanditse agira ati: “Satani yavyuye ingunza, abarongozi b’lshengero barangwa n’ikibi bariko baratugirira inama, turatekewe n’ubwoba bw’intambara. Abantu barakwiriye kuremeshwa kugira ngo bahagarare bashikamye imbere y’Imana, kubwo ukwizera hamwe n’amasengesho; kugira ngo abansi bacu kubwo kuremeshwa na Mpwemu w’Imana, bagobererwe guteramira amahoro. Ikintu dukwiriye gushira imbere kuruta ibindi, igikorwa cacu gikwiriye gushigwako akatuzo, ni isengesho; abantu ni bamenyeshwe yuko ubugi bw’inkota n’ishavu rya Satani bibageramiye, maze bahimirizwe gusenga.” (D'Aubigne, b. 10, ch. 14.)IB 153.2

    Mu nyuma, haciye igihe, ariko aravuga ivy’urunani abaganwa b’abaprotestanti bagomba kugira, Luther yavuze yuko ikirwanisho conyene co gukoreshwa muri urwo rugamba ari “inkota ya Mpwemu.” Yandikiye umutware w’intara ya Saxonie avuga ati: “Umutimanama wacu ntutwemerera gushikira urwo run am. Icotubera ciza ni uko twopfa incuro cumi aho kubona ubutumwa bwacu buvisha n’ima n’imwe gusa y’amaraso. Uruhara rwacu rukwiriye k urn era nk’urw’intama zijanywe ku macuniro. Umusaraba wa Kristo dutegerezwa kuwikorera. Nyakwubahwa, ntimugire ubwoba na bumwe. Tuzokora vyinshi kubwa amasengesho kuruta ivyo abansi bacu bazokora kubwo kwishira hejuru. Ntimuhirahire ngo mwemere yuko ibiganza vyanyu vyokora amaraso y’abo mukebana. Hamwe umwami w’abami yobona ko bibereye ko turenguka imbere y’ubucamanza , turiteguye kubikora. Ntimushobora kurwanira ukwizera kwacu. Umwe wese akwiriye kwizera azi neza ko bishobora kumukwegera, bikamuhitana.” (Ibid., b. 14, ch. 1.)IB 153.3

    Mu kibanza c’ubwiherero abantu basengeramwo havuyemwo ubushobozi bwanyiganyije isi mu bugorozi bukomeye. Aho ni ho, abasuku b’Umwami, batekereje mu bweranda, bahonyoje ibirenge vyabo ku gitandara c’amasezerano yiwe. Mu gihe c’urugamba rw’i Augsburg, “nta musi wahera Luther atamaze amasaha n’imiburiburi atatu ariko arasenga, kandi ayo masaha yayakura mu mwanya mwiza yaba afise wo kwiga. Barakunda kwumva asenga Imana yiherereye mu cumba ciwe akoresha amajambo yuzuyemwo ugutazira, ubwoba,ivyizigiro nk’uko umuntu yoba ariko aravugana n’umugenzi wiwe” Yama yavuze ati: “Ndazi ko uri Data wa twese kandi ko uri Imana yacu, kandi ko uzoshwiragiza abariko batoteza abana bawe, kuko ubangamiwe co kimwe na twe. Iki gikorwa cose ni icawe, kandi ni wewe wenyene watugobereye ngo tukigiremwo uruhara. Rero Data, n’uturwanirire.” (-Ibid., b. 14, ch. 6.)IB 153.4

    Yandikiye Melanchton yari azigirijwe n’ukwihebura hamwe n’ubwoba aya majambo: “Ubuntu n’amahoro muri Kristo - muri Kristo ni ho mvuze, si mw’isi. Amen. Ndanka urwanko rubi uwo mwitwarariko urenze urugero. Ni mba ivyo duharanira bitari mu kuri urabiheba; nimba naho biri mu kuri ni kuki twogira umubeshi uwadutegetse gusinzira ata bwoba?....Kristo ntazohara mu gikorwa c’ubutungane n’ukuri. Ni muzima, araganje”, none ubundi bwoba twogira ni ubw’iki? (Ibid., b. 14, ch. 6.)IB 154.1

    Imana yarateze amatwi amaborogo y’abasuku bayo. Yakomoreye abaganwa n’abashikirangoma ubuntu n’ubutwari bwabashoboje gushigikira ukuri imbere y’abatware b’iyi si y’umwiza. Umwami aravuga ati: “Raba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, kand’uryizera ntazomaramazwa.” (1 Petero 2:6) Abagorozi b’abaprotestanti bari bashinze imizi kuri Kristo, kandi amarembo y’i kuzima ntiyashobora kubahangara.IB 154.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents