Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 30 - Urwanko Hagati Y’umuntu Na Satani

    « Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe : ruzogukomeretsa umutwe nawe uzorukomeretsa igitsintsiri »(Itanguriro 3:15) Urubanza rwaciriwe Satani umuntu amaze kurwa mu caha na rwo nyene bwari ubuhanuzi. Bwarerekana uko ibintu bizogenda bikurikirana uko imyaka izogenda irarengarengana gushitsa kw’iherezo ry’ibihe kandi bwarashira ahagaragara intambara ihambaye abantu bose bazoba kw’isi bazogiramwo uruhara.IB 357.1

    Imana iravuga iti : « Nzoshiraho urwanko » ; uru rwanko ntirusanzwe. Igihe umuntu yica ibwirizwa ry’Imana, akarangamutima kiwe kahindutse ikibi, maze aca aringanira wese na Satani. Mu bisanzwe nta rwanko nyezina ruri hagati y’umuntu acumura hamwe n’uwo icaha gikomokako. Bose bahindutse abanyakibi kubera ubuhakanyi. Umuntu w’umuhakanyi ntiyigera yumva ko atunganiwe, kiretse gusa iyo bishite hakaba abo agobereye akababera akarorero maze bakifatanya nawe kandi bakamushigikira. Ni muri ubwo buryo abamarayika baguye hamwe n’abantu bakora ibibi bakorera hamwe mu mwiheburo, bakagira urunani. Iyo Imana mu buryo budasanzwe itababera intambamyi, Satani n’umuntu bari kugira urunani bakarwanya ijuru ; kandi aho gukomeza urwanko ufitiye Satani, umuryango wose w’ikiremwa muntu wari kugira urunani rwo kurwanya Imana.IB 357.2

    Nk’uko Satani yatumye abamarayika bagumuka, yakwegeye umuntu mu caha, kugira ngo abe yomuronkako ubufasha mu rugamba rwiwe rwo kurwanya ijuru. Nta tandukaniro ryariho hagati yiwe ubwiwe n’abamarayika baguye uravye ingene bompi banka Kristo. Mu gihe batahuza ku zindi ngingo, bari bashize hamwe mu kurwanya ubutegetsi bw'umutware w’lvyaremwe vyose. Ariko igihe Satani yumva havuzwe iri jambo ko hazobaho urwanko hagati yiwe n’umugore, hamwe no hagati y’imvyaro zompi, yatahuye ko inguvu ziwe zo gutitura akarangamutima k’umuntu zizohura n’intambamyi ; ko ku buryo bumwe canke ubundi, umuntu azoshobora guhangana n’ubushobozi bwiwe.IB 357.3

    Urwanko Satani yanka ikiremwa muntu rukomezwa n’uko muri Kristo, Imana imukunda kandi ikamugirira ubuntu. Ico Satani yipfuza ni uko yoburizwamwo uwo mugambi Imana ifitiye umuntu wo kumucungura, kumaramaza Imana mu gutitura no mu kwanduza igikorwa c’amaboko yayo ; yipfuza ko ijuru ryobamwo umwidogo, isi nayo ikuzuramwo umubabaro hamwe no kwihebura. Hanyuma ibi bibi vyose azovyerekana nk’uko ari ingaruka y’igikorwa cimana co kurema umuntu.IB 358.1

    Ubuntu Kristo atera mu mutima w’umuntu ni bwo butuma yiyumvamwo urwanko afitiye Satani. Hatabayeho ubwo buntu buhindura hamwe n’ubushobozi busubiza umuntu itoto, umuntu yoshobora kubandanya ari mu buja bwa Satani, umusuku yama yiteguye gukora ivyo amusaba. Ariko rero, intumbero nshasha ituma mu mutima habaho amadidane kandi haba hahoze amahoro. Ubushobozi Kristo atanga bufasha umuntu guhangana n’uwo muhumvyi atwaza igikenye. Uwo wese abona ko yanka icaha aho kugisasira indava, uwo wese ahagarara ashikamye maze akarwanya kandi akanesha ivyipfuzo bibi vyamukoreramwo, aba ariko yerekana ko hariho ingingo yavuye mw’ijuru yisunga mu gukora.IB 358.2

    Amakimbirane aboneka hagati y’agatima karongorwa na Kristo n’akarongorwa na Satani yashizwe ahabona ku buryo bugaragara n’ukuntu isi yakiriye Yesu. Impamvu nyamukuru yatumye Abayuda bamwihakana si uko yaserutse ataboneka nk’umuntu atunze mu maso y’ab’isi, umuntu wo mu rwego rwo hejuru canke w’icubahiro cinshi. Babonye ko yari afise ubushobozi busubirira kure ivyo bimuranga yoba yari abuze. Ariko ukudahumana n’ubweranda bwa Kristo vyamukwegeye urwanko rw’abadakunda Imana. Ubuzima bwiwe bwo kwiyibagira hamwe no kwitanga kutagira icaha yari inkebuzo yamaho ku bantu babona kandi bakunda ibinezereza umubiri. Ibi nivyo vyatumye umwana w’Imana bamwanka. Satani n’abamarayika bacumuye bifatanije n’abantu bagira nabi. Ubushobozi bwose bw’ubuhakanyi bwishize hamwe kugira ngo burwanye uhagarariye ukuri.IB 358.3

    Nk’uko Kristo bamwanse ni nako banka abamukurikiye. Umuntu wese abona ingene icaha gifise akarangamutima kajana ku kibi, maze kubwo ubushobozi ahabwa n’ijuru akirinda gucumura, azotuma ishavu rya Satani hamwe n’abamugamburukira ryiyongera. Igihe cose icaha n’abanyavyaha bizoba bikiriho, hazobaho urwanko rw’ingingo z’ukuri zitunganye, hamwe n’inkebuzo hamwe n’agahamo kuri abo bose bashigikira ukuri. Abantu bakurikira Kristo, hamwe n’abakozi ba Satani ntibashobora guhuza. Igitsitaza giterwa n’umusaraba kiracariho: “Mber’abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo bazohamwa.”(2 Timoteyo 3:12)IB 358.4

    Abakozi ba Satani bakorera igihe cose musi y’uburongozi bwiwe kugira ngo batsimbataze ubutware bwiwe kandi bamwubakire ubwami burwanya uburongozi bwimana. Kugira ngo bashike kuri iyi ntumbero barondera kubesha abakurikira Kristo no kubasamaza ngo bareke kumugamburukira. Nk’uko umurongozi wabo abikora, baracurika ivyanditswe bakabisigura ukundi kugira ngo bashike ku ntumbero yabo. Nk’uko Satani yagerageje kwambika Imana ibara, n’abakozi biwe bakora uko kugira ngo bambike iceyi abantu bimana kandi babatetereze. Agatima katumye Yesu bamwica ni ko gakoresha ababi ngo bahonye abamukurikiye. Ibi vyose ni vyo vyashizwe ahagaragara muri ubu buhanuzi bwa mbere: “« Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe : ruzogukomeretsa umutwe nawe uzorukomeretsa igitsintsiri »( Itanguriro 5:15) Kandi bizokomeza kumera uko gushika kw’iherezo ry’ibihe.IB 358.5

    Satani aregeranya ingabo ziwe zose kandi agakoresha mu ntambara ubushobozi bwiwe bwose. Ni kubera iki none adahura n’abo bahangana bakomeye? Ni kuki abasoda ba Kristo basinziriye kandi bigira sindabibazwa? Kubera ko imibanire yabo na Kristo irajegajega; kubera ko badafise Mpwemu wiwe. Icaha kuri bo si ikintu kibashisha kandi co kwanka nk’uko vyari bimeze ku Mwigisha wabo. Ntibahangana naco bafise ukwitanga n’ugushaka kwose nk’uko Kristo yabikoze. Ntibashika aho batahura ukuntu ububi bwiyongera hamwe n’ukuntu icaha kibunga kandi kibahindura impumyi, ntibabone kamere n’ubushobozi bw’umuganwa w’umwiza. Urwanko abantu banka Satani n’ibikorwa vyiwe ni ruto, kuko abantu ntibazi cane ubushobozi n’ukugira nabi kwiwe, kandi ntibanazi aho urugamba rwiwe rwo kurwanya Kristo hamwe n’ishengero ryiwe rugera. Abantu isinzi barazimirira hano. Ntibazi ko umwansi wabo ari umugabisha w’ingabo akomeye afise mu minwe ivyiyumviro vy’abamarayika baguye, kandi ko akoresheje imigambi yo hejuru iba yizwe neza hamwe no kugendana ubwenge, agerageza kuzibira Yesu kugira ngo igikorwa co gukiza abantu ntigishoboke. Mu bantu bemanga ko ari abakristo, mbere no mubashinzwe kwamamaza ubutumwa bwiza, si kenshi ubumva bavuga icese Satani kiretse rimwe na rimwe iyo bibaciyemwo bari ku ruhimbi. Barirengagiza ibimenyamenya vyerekana ingene igikorwa ciwe kibandanya n’ingene gitera kija imbere; bafata minenegwe inkebuzo nyinshi baronse zerekeranye n’ukwiyorobeka kwiwe; wogira ngo ntibemera ko yoba ariho.IB 359.1

    Mu gihe abantu bo batazi imigambi yiwe, uyu mwansi yama yagavye abama inyuma, ku mwanya ku mwanya. Yinjira ahantu ahariho hose mu mazu tubayemwo, nta barabara adashikamwo mu bisagara turimwo, amashengero, mu manama y’igihugu, mu ngoro z’ubutungane, azana ugukekeranya, ababesha, abaryosharyosha, ahantu hose yonona imibiri n’imitima y’abagabo, abagore n’abana, asambura imiryango, abiba urwanko, ishari, imitongano, ukwicamwo ibice, ubwicanyi. Kandi abakristo wogira ngo baraba ibi bintu nk’uko Imana yabishizeho ngo bitegerezwe kubaho.IB 359.2

    Satani yama yarondeye gutsinda ubwoko bw’Imana mu gusenyura inzitizi zibatandukanya n’isi. Isirayeli ya kera yaguye mu caha mu gihe yikwegera mu kwifatanya n’abapagani kandi vyari bibujijwe. Ni muri ubwo buryo Isirayeli y'ubu yidohora mu nzira nziza. “Ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubakire w’ubutumwa bw’ubwiza bwa Kristo, ni we shusho y’Imana. (2 Ab’ikorinto 4: 4) Abo bose batafashe ingingo ntabanduka yo gukurikira Kristo ni abakozi ba Satani. Mu mutima utaratunganywa ngo wezwe habonekamwo ugukunda icaha hamwe no kugisasira indava, hamwe no kukironkera insiguro. Mu mutima wamaze gutyororwa, harimwo ukwanka icaha hamwe no guhangana naco wivuye inyuma. Iyo abakristo bahisemwo kwifatanya n’abantu badakunda Imana kandi batizera, baba bikwegeye ubwabo mu bigeragezo. Satani arabiyorobekako maze akabateza uruhumyi rwiwe mu maso. Ntibashobora kubona ko uwo murwi uba wateguwe kugira ngo ubagirire nabi; kandi mu gihe umwanya wose bifatanya na kamere y’isi, mu majambo no mu bikorwa, barushirizaho guhinduka nk’impumyi.IB 359.3

    Ukwifatanya n’imigenzo y’isi bituma ishengero ritakaza akaranga k’ijuru ; ntiriba rigishobora kuzana isi kuri Kristo. Ukwimenyereza icaha bituma kitaba kikiboneka nk’ikintu kibi. Umuntu ahitamwo kwifatanya n’abakorera Satani bidatevye, ntazoba agitinya umukuru wabo. Igihe umuntu ashikiwe n’ingorane asanzwe ariko ararangura amabanga ashinzwe, nk’uko vyashikiye Daniyeli ari ku kirimba i bwami, twokwizera tudakekeranya ko Imana izodukingira ; ariko iyo twebwe ubwacu twirekuriye mu maboko y’ibigeragezo, turashobora ubwo nyene kurwa canke bikaba habanje guca imisi itari mike.IB 359.4

    Umurwanizi akorera kenshi na kenshi mu bantu bakekwa buhoro ko bari musi y’ukuboko kwiwe kugira ashikire ico yipfuza. Abantu basanzwe bafise impano canke ubumenyi baratangarirwa kandi bakubahwa ; nk’uko umenga kurangwa n’izo mpano vyosubirira ugutinya Imana, canke bigahesha umuntu kugirirwa nayo ubuntu. Ubifashe uko biri, ingabirano hamwe n’ubumenyi rusangi ni impano duhabwa n’lmana; ariko iyo bagomvye ko bisubirira ugukunda Imana, igihe aho uko bituma umuntu yegera Imana bigatuma ayigira kure, bica rero bihinduka umuvumo n’umutego. Hariho abantu benshi biyumvira ko ibintu biboneka ko ari inyifato nziza n’ikinyabupfura, bitegerezwa, mu ruhande rumwe kuba vyitirirwa Kristo. Ntihigeze haboneka ikosa rinini nk’iryo. Izo ngabirano zategerezwa kuba ubuntu bwongewe ku bundi zikarenga kamere y’umukristo wese, kuko zirakwiriye kugira ubwaku bukomeye mu gushigikira idini ry’ukuri ; ariko zirakwiye kwegurirwa Imana naho ubundi zohinduka ubushobozi butsimbataza ikibi. Abantu benshi baminuje mu bumenyi kandi bafise inyifato nziza, ariko badashobora guca bugufi ngo babone ico muri rusangi bafata nk’igikorwa c’urukozasoni, abo si abandi ni ibikoresho bihinguwe Satani afise mu maboko yiwe. Ubwaku n’akarorero vya kamere yiwe y’ububeshi no kugira nabi bimugira umwansi arusha abandi mu kurwanya igikorwa ca Kristo gusumvya abafise ubumenyi buke canke ataco bazi.IB 360.1

    Kubwo gusenga dushizeko umwete no kwishimikiza ukuboko kw’Imana, Salomo yahawe ubwenge abantu batangariye kandi n’isi yose irabushima. Ariko amaze kwitandukanya n’isoko ry’inguvu yari afise, maze akumva ko yikwije, yaciye ahinduka igikoresho c’umurwanizi. Ico gihe ubushobozi budasanzwe bwahawe uyu mwami yarusha abandi ubwenge bwatumye arushirizaho kuba igikoresho kibushitse mu kubangamira imitima y’abantu. Mu gihe Satani yama yarondeye guhindura abantu impumyi ngo ntibagire ico babona, abakristo ntibari bakwiriye kwibagira ko « abo tunigana atar’abinyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyisi y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.» (Abanyefeso 6: 12) Inkebuzo yavuye mw’ijuru inyuma y’ibinjana yarashitse mu bihe tunmwo :” Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu ariwe wa murwanizi, agendagenda nk’intambwe yivuga arondera uwo arotsa. » (IPetero 5: 8) « Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bwa wa murwanizi. »(Abanyefeso 6: 11)IB 360.2

    Uhereye mu misi Adamu yariho gushika mu gihe cacu, umwansi wacu ahambaye yakoresheje ubushobozi bwiwe kugira ngo atoteze kandi aherengeteze abana b’Imana. Ubu naho ariko yitegurira ibitero vyiwe vya nyuma kw’ishengero. Abo bose barondera gukurikira Kristo bazohangana n’uyu mwansi atigera akubita urugohe. Uko umukristo azorushirizaho kugenda yigana kamere yo mw’ijuru, ni nako ibitero vya Satani bizotumberezwa kuri we. Abo bose batareze amaboko mu gikorwa c'Imana, barondera gushira ahabona ikinyoma ca Sekibi kandi bakerekana Kristo imbere y’abantu, bazoshobora kwifatanya na Paulo gushinga intahe, aho avuga ko dukwiriye gukorera umwami duciye bugufi mu mutima, n’amosozi menshi kandi hagati y’ibigeragezo bihambaye.IB 360.3

    Satani yateye Kristo akoresheje ibigeragezo bihambaye kandi vyiyorobetse, ariko yarasubizwa inyuma mu gitero cose yagize. Urwo rugamba rwabayeho ku neza yacu kandi intsinzi yabonetse muri rwo ni yo twuririrako mu kunesha. Kristo azoha inkomezi abo bose bazirondera. Nta muntu n’umwe yoneshwa na Satani hamwe atoba yabigizemwo uruhara. Umurwanizi nta bushobozi afise bwo kwigarurira ubugombe bw’umuntu canke bwo kumushirako igitsure ngo acumure. Arashobora guteza umuntu ivyago ariko ntashobora kumuhumanya. Kubera ko Kristo yanesheje, ivyo vyari bikwiriye guha inguvu abamukurikira kugira ngo barwanye, bafise ishaka kandi bakobeje, icaha na Satani.IB 361.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents