Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 18 - Umugorozi W‘Umunyamerika

    Umuntu w’intungane, umurimyi atarangwa n’uburyarya mu mutima, yari yashitse aho akekeranya ubushobozi bw’Ivyanditswe ariko kandi akipfuza rwose kumenya ukuri, ni we ku buryo budasanzwe Imana yatoranije, kugira ngo yamamaze inkuru y’ukuza kwa kabiri kwa Yesu Kristo. Nk’uko vyari vyabonetse no ku bandi bagorozi benshi, William Miller mu bwana bwiwe yari yarahanganye n’ibibazo vy’ubukene kandi ivyo vyari vyatumye ahakura ivyirwa bihambaye vyo gukoresha inguvu hamwe no kwiyima. Abagize umuryango yakomokamwo bari abantu barangwa no kwishira no kwizana, bakunda kwidegemvya, - barangwa n’urukundo, ku bwo ugushobora kwihangana no kwiyumvamwo igihugu cabo - ibi ni vyo nyene vyaranga kamere yiwe. Se wiwe yari afise ipete rya kapitene mu gisoda carwanye intambara yo kwikukira; kandi ku bwo utwigoro yagize muri izo ntambara hamwe no muri iyo mibabaro y’ico gihe c’igihuhusi, umuntu arashobora rero gutahura ingene William Miller yarangwa n’ubuzima bw’umukene, kuva akiri muto.IB 231.1

    Yari umuntu yubatse neza ku buryo bw’igihagararo, mbere yarerekanye, akiri n’umwana, ko yari afise impano zidasanzwe mu vyo ubushobozi bw’ubwenge. N’aho atari yagize amahirwe yo gukurikirana amashure muri rusangi, ukuntu yakunda kwiga hamwe no kumenyera gushikiriza iciyumviro yitonze hamwe no kutemera ibintu utabanje kubirimbura, vyatumye amenyekana nk’ umuntu ivyiyumviro vyiwe bidahengamye kandi afise ukuntu atahura ibintu kwumvikana. Yari umuntu w’inyankamugayo, ashimwa muri rusangi kubwo ukudahugumba kwiwe, ugukunda gukora hamwe no kwitanga atitangiye itama. Kubwo kwama afise ico akora, kandi agakoresha n'ubuhinga, yahavuye ashika bidatevye ku rugero rushimishije; kandi ntiyigeze avavanura n’akamenyero ko gukora. Yaremeye kuzezwa amabanga atandukanye muvy’intwaro no mu vy’igisirikare, kandi amarembo y’itunga n’icubahiro yari amwugururiwe.IB 231.2

    Nyina wiwe yari umukenyezi akunda ivy’Imana, ivyo vyari vyagize ubwaku bukomeye kuri Miller mu bwana bwiwe. Ariko rero atanguye gukora, yahavuye akorokera mu bantu bemera ko Imana iri mu kintu cose; ubwaku bwabo ku banyagihugu bwatuma baboneka ko bafise ubuntu n’umutima wo kugira neza. Ukuntu bari babayeho hagati y’ibigo rukristo, vyari vyabagizeko ubwaku bukomeye. Mu bintu vyari vyatumye abantu babubahiriza kandi bakabizigira harimwo agaciro baha Bibiliya; ariko ayo mahirwe adasanzwe bari bayatituye ku buryo bari bashitse ahubwo aho batayerekwa. Kubona Miller yifatanya n’abantu bafise kamere nk’iyo, yari yemeye no gusangira nabo ivyiyumviro bari bafise. Uburyo busigura Ivyanditswe vyabashikana ku ngorane badafitiye insiguro. Ukwizera gushasha yari aronse mu kwifatanya n’abo bantu kwatumye arushiriza kugendera kure ya Bibiliya, ntihagira ikintu cisununuye aronka co kuyisubiriza, maze bituma arushiriza kwemera ko ari kure yo gutunganirwa. Ariko yabandanije kubaho afise ukwizera nk’ukw’umwana afise imyaka icumi n’ibiri. Amaze kugira imyaka y’amavuka mirongo itatu n’ine, Mpwemu Yera yaramukoze ku mutima amushoboza kubona neza, aratahura ko ari umunyavyaha. Yaciye abona ko mu buryo yari asanzwe yizeye ata vyizigiro na bimwe bibonekayo vyo kugira umunezero inyuma y’urupfu. Kazoza kari kirabura kandi gatwikiriye. Ariko yibuka ivyiyumviro yari afise ico gihe yaravuze ati:IB 231.3

    “Ukuzimangana cari iciyumviro gitera ugukanya n’ ubwoba, kandi abantu bose bari bafise ico bagirizwa ku buryo bari abo kurimbuka ata n’umwe avuyemwo. Ijuru hejuru y’umutwe wanje ryari rimeze nk’umuringa, isi munsi y’ibirenge vyanje yari imeze nk’icuma. Ubuzima b wain aho cari igiki? Kandi urupfu narwo cari igiki? Uko narushiriza kuvyiyumvirako ni nako n’inyishu kuri vyo zakomeza kumba kure. Uko narushiriza kubirimburako ni nako nagira ivyiyumviro bitatanye. Nagerageje guhagarika kwiyumvira ariko ntivyankundira. Mu vy’ukuri nari umuntu agowe ariko sinari nzi icabituma. Narivugana, nkidoga ariko ntazi uwo ndiko nidogera. Nari nzi neza yuko ikosa ririho, ariko simbone uko norondera n’aho nobona ukuri. Nari nataye umutwe ntafise ivyizigiro.”IB 232.1

    Yarabayeho amezi atari make muri ubwo buzima. Aravuga yuko “mu buryo atari avyiteze, kamere y’Umukiza yaragize ubwaku bukomeye ku vyiyumviro vyiwe. Natanguye kwiyumvira ko hariho umuntu mwiza kandi yuzuye impuhwe ku buryo ubwiwe ari incungu y’ibigabitanyo vyacu, kandi kubw’ivyo, adukiza imibabaro y’ingaruka z’ivyaha vyacu. Naciye ubwo nyene niyumvira ingene uwo muntu ategerezwa kurangwa n’urukundo, maze ndiyumvira ukuntu bimbereye kuba nokwishira mu maboko yiwe kandi nkizigira imbabazi ziwe. Ariko nagize ikibazo kitanyoroheye: wokwerekana gute ko umuntu nk’uyo abaho? Nta handi nabonye atari muri Bibiliya woronka ibimenyamenya vy’uko umukiza nk’uyo ariho, canke mbere ngo umenye n’ivya kazoza uko bizoba bimeze...IB 232.2

    “Nabonye ko Bibiliya yerekana uwo Mukiza nk’uko navyipfuza; kandi naratangazwa n’ukuntu igitabo kitahumetswe nimana cotunganya ingingo ku buryo buringaniye neza hisunzwe ivyo isi yagumye mu caha ikeneye. Numvise ngoberewe no kwemera yuko Bibiliya ari co gitabo cahumetswe nimana. Ivyanditswe vyahindutse isoko y’umunezero kuri jewe kandi muri Yesu naharonse umugenzi. Umukiza yarampindukiye umutware mu batware ibihumbi icumi; Ivyanditswe navyo kuri jewe, vyari bisanzwe bitwikiriye kandi vyivuguruza, vyampindukiye noneho itara rimurikira ibirenge vyanje n’umuco uboneshereza inzira yanje. Ivyiyumviro vyanje ntivyabaye bigihugumba kandi numva binshimishije. Nahavuye menya yuko Umwana wimana ari igitandara kitanyiganyiga hagati y’ibahari y’ubuzima. Bibiliya yampindukiye igitabo kirongora ivyigwa vyanje kandi ndashobora kubabwiza ukuri yuko nayisomanye umunezero mwinshi. Nasanze ata n’ica kabiri cayo bari bamaze kumbwira. Naribajije icatumye nari maze igihe cose kingana uko ntarabona ubwiza n’icubahiro cayo, kandi ntangazwa n’ukuntu nari narayirengagije. Nasanze ico cose umutima wanje wipfuza cari carahishuwe kandi n’umuti ku ndwara yose y’umutima wari warabonetse. Ibindi bisomwa vyose vyaciye bimbihira, maze umutima wanje uca wijukira kurondera ubukerebutsi buvuye ku Mana.” (S. Bliss, Memoirs of Wm. Miller, pages 65-67.)IB 232.3

    Miller yemanze icese ukwizera kwiwe mw’idini yahora anebagura. Ariko abo bakorana batizera ntibareze amaboko, ahubwo bashize ahabona ibimenyamenya vyose yakunda kwitwaza yerekana yuko Ivyanditswe bidafise inkomoko ku Mana. Ntiyari yiteguye kuba yobishura ako kanya; ariko yiyumviriye yuko nimba Bibiliya ari ijambo ryahumetswe n’Imana, itegerezwa kuba ifise ibimenyamenya biyishingira intahe; kandi ko nimba yahawe umuntu ngo imwungure ubumenyi, itegerezwa kuba yanditswe ku buryo yoyitahura. Yihaye inshingano yo kwiyigisha Ivyanditswe kandi agatohoza neza nimba amajambo wokwibaza ko ari ibihushane muri Bibiliya adafise ukuntu ahubwo yuzuzanya.IB 232.4

    Yagerageje gushira i ruhande ivyiyumviro vyose yari yaragize kuri Bibiliya ariko ataco vyubakiyeko, yirengagiza mbere n’ivyo abantu bayivugako, agereranya Ivyanditswe ku vyanditswe, ijambo ku rindi akoresheje ubusobanuro bwagiye butangwa ku ruhande muri Bibiliya nyene, hamwe n’igitabo cerekana isomo riri hagati y’imirongo n’iyindi muri Bibiliya. Yarabandanije kwiyigisha Bibiliya ku mwanya no ku buryo yari yagenye we nyene; atanguriye mw’Itanguriro yasomye umurongo ku wundi ku buryo yatera imbere ari uko abonye amaze gutahura neza ivyo yaba amaze gusoma, kugira ngo ntasigare mu kangaratete. Iyo yashika ku kintu akumva ntigitomoye, kari akamenyero kuri we ko aca akiringanisha n’ikindi gisomwa aho caba kiri hose, gifitaniye isano n’ivyo yaba ariko arasoma. Ijambo ryose yariha insiguro biringaniye, kandi amaze kubona yuko amajambo yose ahuriza ku nsiguro imwe rusangi, ingorane zaba zitorewe umuti aho nyene. Uko ni ko aho hose yahuriranye n'igisomwa kigoye gusigura, yasanze ubusobanuro bwaco buboneka mu bindi bisomwa biri mu bindi bice vyo mu Vyanditswe. Mu gihe yiga Ivyanditswe, ntiyashira inyuma ugusenga ashizeko umwete asaba ukumurikirwa kuvuye mw’ijuru; uko ni ko ivyasa nk’uko ari igipfungu kuri we vyahavuye vyeyuka maze aronswa ubusobanuro butomoye, bituma atahura gusumvya. Ukuri kuboneka mu majambo umunyezaburi yashikirije yarakwiboneye: “Guhishurirwa amajambo yawe kuzana umuco, guha abatungu ubwenge.” (Zaburi 119:130)IB 233.1

    N’ugushaka kwinshi, William Miller yarasomye ariga ibitabo vya Daniyeli hamwe n’lvyahishuriwe Yohana akoresheje bwa buhinga nyene yari amenyereye gukoresha ariko ariga Ivyanditswe; yahavuye asanga ibimenyetso biboneka mu buhanuzi umuntu ashobora kubitahura, maze bimutera kunezerwa. Yasanze ubuhanuzi igihe cose bwagiye bushitswa nk’uko bwanditse; kandi yuko imvugo ngereranyo zakoreshejwe, ugufobeka, imigani, ukugereranya ikintu n’ikindi, ....hari igihe wasanga insiguro yazo yari aho nyene mu majambo yakoreshejwe, canke ugasanga amajambo y’insiguro aboneka mu bindi bisomwa biboneka ahandi; kandi ko igihe vyoba bironse insiguro umuntu yobitahura nk’uko vyanditse. Aravuga ati: ” Narahimbawe cane kubona Bibiliya ari uburyo Imana yakoresheje kugira ngo ihishure ukuri kwatanzwe ku buryo busanzwe kandi bwumvikana neza, ku buryo umuntu atinya Imana n’aho yoba ari ikijuju, adashobora kukwihendako.” (Bliss, page 70.) Gufatanya urutete ku rundi mu zigize umugozi udacika w’ukuri yabironsemwo akarusho mu gihe intambuko ku yindi yatera yamushoboza guca umurongo nyabagendwa w’ubuhanuzi. Abamarayika bo mw’ijuru bariko bararongora ivyiyumviro vyiwe kandi bakamufasha gutahura Ivyanditse bariko baramwigisha.IB 233.2

    Kubwo kwishimikiza ingene ubuhanuzi bwashitse muri kahise vyamubereye urugero yuririrako kugira ngo arimbure ingene muri kazoza ubuhanuzi butarashika bwoshika; yanezerejwe no gusanga iciyumviro abantu bagenderako cerekeranye n'inganji muri Mpwemu ya Kristo.- igihe c’imyaka igihumbi imbere yuko isi iherengetera- kitari gishigikiwe n’ijambo ry’Imana. Iyo nyigisho, yatumbereza ku myaka igihumbi y’ubugororotsi n’amahoro imbere y’uko Yesu agaruka imbona nkubone, yigiza kure ubwoba ku bwo umusi uhambaye w’Imana. Naho iyo nyigisho yasosera abantu, yari iciye kubiri n’inyigisho Yesu hamwe n’intumwa ziwe bigishije, bavuga ko urwamfu n’uburo vyari gukurana gushika ku gihe co kwimbura, ni ukuvuga ku muhero w’isi (Matayo 13:30, 38-41); “ko abantu babi bo n’abahumbuzi bazorushiriza kuba babi” ; ko “mu misi y’iherezo hazoba ibihe bigoye” (2 Timoteyo 3:13, 1); kandi ko ubwami bw’umwiza buzoshika igihe c’ukuza kw’Umwami kandi ko “azobusambuza impwemu ziva mu kanwa kiwe kandi akabutituza uguseruka kw’ukuza kwiwe.” (2 Ab’i Tesalonike 2:8)IB 233.3

    Inyigisho y’uko isi yose izokwihana kandi ko hazoba inganji ya Yesu mu Mpwemu ntiyashigikiwe n’ishengero ry’intumwa. Nta n’ubwo muri rusangi yemewe n’abakristo gushika mu ntango y’ikinjana ca cumi n’umunani. Nk’uko vyagiye bishika ku zindi nyigisho z’ibinyoma, ingaruka zayo zabaye mbi. Yigishije abantu kubona ukugaruka kwa Yesu kure cane muri kazoza kandi ibabuza kuzirikana ibimenyetso vyerekana ko ukuza kwiwe kwegereje. Yatumye abantu bijajara, biyumvira ko ataco kwinona kiriho, ko batekaniwe n’ubwo ata shingiro vyari bifise, maze isunika benshi muri bo gufata minenengwe umwiteguro wari ukenewe imbere yo gusanganira Umwami.IB 234.1

    Miller yasanze ukuza kwa Kristo imbona nkubone kwashikirijwe ku buryo bwuzuye mu Vyanditswe. Paulo niwe avuga ati: “Umwami wacu ubwiwe azoza amanutse avuye mw’ijuru aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’inzamba y’lmana.” (1 Ab’i Tesalonike 4:16) Kandi Umukiza ubwiwe yatangaje ati: “Bazobona umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi.” “Nk’uk’umuravyo urabiriza iburasirazuba ukabonekera iyo rirengera, nik’ukuza kw’umwana w’umuntu kuzomera.” (Matayo 24:30, 27) Azoba aherekejwe n’isinzi ry’ababa mw’ijuru. “Umwana w’umuntu azoza afise ubwiza bwiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose.” (Matayo 25:31) “Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe.” (Matayo 24:31)IB 234.2

    Igihe Umwami azoba agarutse, abazoba barapfuye ari abagororotsi bazozuka kandi aberanda bazoba bakiri bazima bazohindurwa. Paulo aravuga ati: “Ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa mu kanya gato mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’inzamba y’iherezo izovugira abapfuye bakazurwa ubutagishobora kubora, natwe tuzohindurwa. Kuk’uyu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora kand’uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.” (1 Ab’i Korinto 15:51-53) Kandi mw’ikete yandikiye abo i Tesalonike, amaze gushira ahagaragara ibijanye n’ukuza kw’Umwami yaravuze ati: “Abapfiriye muri Kristo nibo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba kakiriho, dusigaye tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganirire umwami mu kirere. Niho tuzokwama tubana n’Umwami.” (1 Ab’i Tesalonike 4: 16, H)IB 234.3

    Abantu ntibashobora kuzoragwa ubwami Kristo ataragaruka amaso mu yandi. Umukiza yaravuze ati: “Umwana w’umuntu ah’azozira afise ubwiza bwiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubwiza: amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, nawe azobarobanura nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. Intama azoziherereza i buryo bwiwe, impene nazo i bubamfu. Maz’Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati, ni muze abo Data yahezagiye, muragwe ubwami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.”(Matayo 25:31-34) Ivyanditswe vyamaze gutangwa vyerekanye ko igihe Umwana w’umuntu azozira, abapfuye bazozuka ntibongere gupfa kandi abazoba bakiriho bazohindurwa. Ku bw’iryo hinduka rihambaye, bazoba bateguriwe kuronswa ubwami; nkuko Paulo abivuga: “Ab’inyama n’amaraso ntibashobora kuragwa ubwami bwimana kand’ibibora ntibiragwa ibitabora.” (lAb’i Korinto 15:50) Umuntu uko ari ubu arapfa, arabora; ariko ubwami bwimana ntibuzokwononekara, buzokwamaho ibihe vyose. Rero umuntu uko ari ubu ntashobora kwinjira mu bwami bwimana. Ariko igihe Yesu azoba agarutse, azoca ashumbusha ukudapfa abantu biwe; hanyuma abahamagare gushikira ubwami bari basanzwe barindiriye bizeye.IB 234.4

    Ibi bisomwa vyo mu Vyanditswe hamwe n’ibindi, vyatumye Miller atahura neza yuko ibiringo bivugwa vyari gushika imbere y’ukuza kwa Kristo nk’inganji y’amahoro canke ukwimikwa kw’ubwami bwimana kuri iyi si, vyategerezwa ahubwo gushika Yesu yaramaze kugaruka. Hamwe n’ivyo, ibimenyetso vyose vy’ibihe n’ingene isi yari yifashe vyari bifitaniye isano n’ico ubuhanuzi buvuga ku vyerekeranye n’imisi ya nyuma. Yisunze inyigisho za Bibiliya zonyene, yashitse ku ndunduro yuko ikiringo isi yahawe kugira ngo ibandanye kubaho nk’uko iri cari mu guhera.IB 235.1

    Aravuga ati: ‘ikindi kimenyamenya kiboneka catumye ubwenge bwanje bugondonzwa ni ingene Ivyanditswe bishikiriza urukurikirane rw’ibihe... Nasanze ibintu vyari vyaravugishijwe muri kahise vyashitse hisunzwe umwanya runaka utongerejwe kandi utagabanijwe. Imyaka ijana na mirongo ibiri yashikanye ku mwuzure (Itanguriro 6:3); haraciyemwo imisi indwi umwuzure utarashika, hamwe n’imisi mirongo ine y’imvura itavanako (Itanguriro 7:4); abakomotse kuri Aburahamu bamaze imyaka amajana ane mu buja (Itanguriro 15:13); imisi itatu y’indoto z’umuteretsi n’umugabura ba Farawo (Itanguriro 40:12-20); imyaka indwi y’indoto za Farawo (Itanguriro 41:28-54); imyaka mirongo ine Abisirayeli bamaze mu bugaragwa (Guharura 14:34); imyaka itatu n’igice y’inzara mu gihe c’umwami Ahabu(I Abami 17:1); imyaka mirongo indwi yo kujanwa ka bunyagano(Yeremiya 25:11); imyaka indwi ya Nebukandineza (Daniyeli 4:13-16) hamwe n’amayinga mirongo indwi yagenewe Abayuda (Daniyeli 9:24-27) - ivyashitse vyose muri ico kiringo c’umwanya vyari ishitswa ry’ivyavugishijwe gusa, kandi vyashitse nk’uko vyari vyaravugishijwe. (Bliss, pages 74,75.)IB 235.2

    Rero, aho yasanga, ariko yiga Bibiliya, hariho ibiringo bitandukanye, bitumbereza vyose ku kugaruka kwa Kristo, nk’uko yabitahuye; nta kundi yari afise yobigereranya uretse kubona ko ari “ibiringo vyagenywe nimana imbere y’igihe”, ariko ikaba yarabihishuriye abantu. Mose aravuga ati: “Ibikir’amabanga ni ivy’Uhoraho Imana yacu, arikw’ibimaze guhishurwa ni ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe vyose, kugira ngo twitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe” (Gusubira mu Vfyagezwe 29:29); kandi Umwami abicishije k’uwo yavugisha Amosi aramenyesha ko “Umwami Uhoraho atazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.” (Amosi 3:7) Abiga ijambo ryimana bakwiye rero kwitegura gusoma muri Bibiliya Ivyanditswe vy’ukuri, ibintu bikomeye bizoshika mu mateka y’isi.IB 235.3

    Miller aravuga ati: ” Kubera ko nari maze kwemera ntakekeranya ko Ivyanditswe vyose vyahumetswe nimana bigira ikimazi” (2 Timoteyo 3:16); kandi ko “bitazanywe no kugomba kw’umuntu, ariko ko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu” (2 Petero 1:21); kandi ko vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’lvyanditswe biduhe kwizigira ibizoba” (Abaroma 15:4); nta kundi nari gufata ibiringo vy’igihe bin ku rutonde muri Bibiliya uretse kubibona nk’uruhande rumwe rw’I vyanditswe, kandi ko twabihawe kugira ngo tubizirikane nk’ibindi bice vyose vy’Ivyanditswe. Nahavuye rero ntahura yuko nimba ndiko ndagerageza kurondera gutahura ivy’ Imana mu buntu bwayo yabonye ko bibereye ko ibiduhishurira, nta burenganzira na bumwe nari mfise bwo guca ku ruhande ibiringo vy’ibihe vyatanzwe bwa gihanuzi.( Bliss, page 75.)IB 235.4

    Ubuhanuzi biboneka ko burusha ubundi bwose guhishura neza igihe c’ukuza kwa kabiri kw’Umwana w’umuntu buboneka muri Daniyeli 8:14. ” Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu, ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka.” Yisunze itegeko ryiwe ry’uko Ivyanditswe ari vyo nyene vyisigura, Miller yatahuye yuko umusi umwe mu mvugo ngereranyo ya gihanuzi, ungana n’umwaka; yabonye yuko ikiringo c’imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu mu buhanuzi, canke imyaka ibihumbi bibiri n’amajana atatu itagabanije, categerezwa kurenga kure igihe co kwihana cari cahawe Abayuda; rero nticari kugereranya ihema ry’ibonanito ryo muri ico kiringo nyene. Miller yaremeye iciyumviro cari gihuriweko n’abantu bose yuko mu myaka y’ikiringo rukristo, isi ari ihema ry’ibonaniro; rero aca atahura yuko uguhumanurwa kw’ihema ry’ibonaniro kuvugwa mu Daniel 8:14 kugereranya ugutyororwa kw’isi n’umuriro mu gihe Kristo azoba agarutse ubwa kabiri. Hamwe rero umuntu yoba amenye neza igihe iyo misi ibihumbi bibiri n’amajana atatu itangurira, yociye atora ko vyoca vyoroha kumenya aho ukuza kwa kabiri kwa Yesu kristo kuzoshikira. Uko ni ko igihe gihambaye c’ishitswa ry’ibintu vyose kizoba gishitse; igihe “ibi bintu vyose tubona, hamwe n’ubwibone bwose n’ubushobozi, ukwikakisha n’ukwishira hejuru, ububegito n’ugukandamiza, bizoba bishitse ku muhero”; igihe umuvumo uzoba “wakuwe mw’isi, urupfu rwasambuwe, abakozi b’Imana, abahanuzi n’aberanda, kandi n’abo bose bubaha izina iy’Imana, bahawe agashimwe; kandi abasambura isi nabo basambuwe.” (Bliss, page 76.)IB 236.1

    Asunitswe n’ishaka rishasha kandi ryimbitse, Miller yashishikaye kwitwararika kwiga ubuhanuzi, amajoro yose n’imirango akayamara yiga icaboneka ko ari ikintu gihambaye abantu bari bijukiye muri ico gihe. Mu gice c’umunani ca Daniyeli ntiyashoboye kuhasanga intango ya ya misi ibihumbi bibiri n’amajana atatu. Naho marayika Gaburiyeli yahawe gutahuza Daniyeli ivyo yari yeretswe, yamuhaye insiguro itanengesereye. Aho yerekwa ivyo agahamo gateye ubwoba kari kuzoshika kw’ishengero, yaracitse intege. Ntiyari gushobora kwihangana ukundi kandi umumarayika yaciye aba aramuretse umwanya muto. Daniyeli yaradendebukiwe, kandi amara igihe arwaye. Avuga yuko “yatangajwe n’ivyo yeretswe ariko nta n’umwe yabimenye.”IB 236.2

    Ariko Imana yari yihanikirije intumwa yari yarungitse : ” Uyu muntu umutahuze ivyo yeretswe.” Ubwo butumwa bwategerezwa kurangurwa. Mu kwubahiriza iyo nteguro, umumarayika, inyuma yaho, yagarutse kuri Daniyeli avuga ati: ” Ubu noneho ndagarutse kugira ngo ndaguhe ubuhinga no gutahura, rero tahura ico kibazo kandi uzirikane ivyo weretswe.” (Daniyeli 8:27, 16; 9:22, 23, 25-27) Hariho ingingo imwe ihambaye mu vyo Daniyeli yeretswe nk’uko yabishikirije mu gice c’umunani, yari yasigaye idasobanuwe; iyo nayo yari ifitaniye isano n’ikiringo c’umwanya w’imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu. Rero umumarayika mu gushira akatuzo kuri iyo nsiguro, yashismikiye cane ku ngingo y’umwanya:IB 236.3

    “Amayinga mirongirindwi agerewe ubwoko bwanyu n’igisagara canyu cera... Nuk’umenye utahure yuko uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba hazoca amayinga ndwi: maze habeh’ayandi mayinga mirongo itandatu n’abiri hasubire kwubakwa, basubizeho imiharuro n’imigende mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye. Maz’ayo mayinga ukw’ari mirongo itandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokurwaho , kandi ntaw’uzomusubirira mu gishingo... Kand’azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokuraho ibimazi n’amashikanwa.”IB 237.1

    Umumarayika yari yarungitswe kuri Daniyeli afise intumbero itomoye yo kumusigurira ingingo atari yashoboye gutahura mu vyo yari yeretswe mu gice c’umunani na cane cane ivyari bifitaniye isano n’igihe. “Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu, ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka.” Rero amaze kubwira Daniyeli ngo “tahura iki kibazo kandi uzirikane ivyo weretswe”, amajambo ya mbere na mbere umumarayika yashikirije ni aya: Amayinga mirongo indwi agerewe ubwoko bwanyu n’igisagara canyu cera.” Ijambo ryakoreshejwe hano ngo ” agerewe” risigura neza na neza ” gukurwa, kugabanywa”. Amayinga mirongo indwi angana n’imisi 490, umumarayika yavuze yuko yakuweko, yagabanijwe ku kiringo kidasanzwe cari cahawe Abayuda. None ayo mayinga yagabanijwe kuki? Kubera ko imisi 2300 cari co kiringo conyene cari camenyeshejwe mu gice c’umunani ca Daniyeli; iyo misi itegerezwa kuba ariyo yakuwemwo ayo mayinga mirongo indwi. Rero ayo mayinga mirongo indwi cari igice c’umwanya muri iyo misi 2300, kandi ivyo biringo vyose uko ari bibiri vyategerezwa gutangurira icarimwe. Umumarayika yari yavuze ko ayo mayinga mirongo indwi yari gutangura igihe hari kuba hasohotse itegeko ryo gusana no kwubaka Yerusalemu. Hamwe itariki iryo tegeko ryatangiweko yoshobora kumenyekana, intango rero y’uwo mwanya muremure w’imisi 2300 yoba ishizwe ahagaragara.IB 237.2

    Mu gitabo ca Ezira, mu gice caco c’indwi, ni ho dusanga iryo tegeko. Mu buryo bwayo bwuzuye iryo tegeko ryatanzwe na Aritazeruzi, umwami w’Ubuperesi , mu mwaka wa 457 imbere y’ivuka rya Yesu. Ariko muri Ezira 6:14, havuga ko ingoro y’Imana i Yerusalemu yubatswe hisunzwe itegeko rya Kuro, Dariyusi na Aritezeruzi umwami w’Ubuperesi. Abo bami batatu mu kwiyumvira ubwa mbere iryo tegeko, mu kurishigikira, hamwe no mu kuritosora baryuzuza, batumye riringanira nk’uko vyari vyasabwe n’ubuhanuzi kugira ngo ribe intango y’ikiringo c’imyaka 2300. Ufashe umwaka wa 457 imbere y’ivuka rya Yesu, igihe iryo tegeko ryari ryamaze gutosorwa rikuzuzwa, ikintu cose cashikirijwe mu buhanuzi cerekeranye n’ayo mayinga mirongo indwi cabonetse ko cashitse.IB 237.3

    “Uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocaho amayinga indwi, maze habeho ayandi mayinga mirongo itandatu n’abiri, “ni ukuvuga amayinga mirongo itandatu n’icenda”, canke imyaka 483. Itegeko rya Aritazerusi ryafashwe mu gihe c’agatasi k’umwaka wa 457, imbere y’ivuka rya Yesu. Kuva ico gihe, imyaka 483 yari iheze mu gatasi k’umwaka wa 27 Yesu amaze kuvuka. Aho ni co gihe ubu buhanuzi bwashikiye. Ijambo “Mesiya” risigura ngo “Uwasizwe”. Mu gatasi k’umwaka wa 27 inyuma y’ivuka iya Yesu, Kristo yarabatijwe na Yohana maze asigwa amavuta na Mpwemu Yera. Intumwa Petero yemeza ko “Yesu Umunyanazareti , Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi.” (Ivyakozwe nintumwa 10:38) Kandi n’Umukiza ubwiwe aravyemeza: “Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza.” (Luka 4:18) Amaze kubatizwa yagiye i Galilaya, “ababwira ubutumwa bwiza bw’ubwami at’igihe kirashitse ubwami bw’ Imana buri hafi ” (Mariko 1:14, 15)IB 237.4

    “Kandi azozezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe.” Iryo “yinga rimwe” rivugwa hano ni ryo rihereza muri ya mayinga mirongo indwi; ni ryo yinga rya nyuma kuri ca kiringo kidasanzwe cari cagenewe Abayuda. Muri ico gihe, cahereye mu mwaka wa 27 gushika mu mwaka wa 34, Kristo ubwiwe imbere y’abandi hanyuma abigishwa biwe, bashikanye umuhamagaro w’ubutumwa bwiza ku Bayuda. Igihe intumwa zajana ubutumwa bwiza bw’ubwami, intumbero y’umukiza yari iyi: “ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’abasamariya, ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeri ” (Matayo 10:5,6)IB 238.1

    “Ni ryagera hagati azokuraho ibimazi n’amashikanwa”. Mu mwaka wa 31 inyuma y’ivuka rya Yesu, haheze imyaka itatu n’igice amaze kubatizwa, Umwami wacu baramubamvye. Kubera ico kimazi gihambaye catangiwe i Kaluvari, integuro yari imenyerewe yo gutanga amashikanwa mu gihe kingana n’imyaka ibihumbi bine yakoreshejwe itumbereza ku ntama yimana, yari ishitse ku musozo. Icahora kigereranywa, noneho cari kibonetse; kandi ibimazi vyose hamwe n’imigenzo yubahirizwa mu kubishikiriza vyari bitagifise agaciro.IB 238.2

    Amayinga mirongo indwi, canke imyaka 490, ikiringo kidasanzwe cari cahawe Abayuda, nk’uko twabibonye, carangiye mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka rya Yesu. Muri ico gihe, biciye mu ngingo ya Sentare y’Abayuda, igihugu cerekanye ko giteye umugongo ubutumwa bwiza aho Sitefano bamwica ka bumaratiri bakongera bagahama abari bemeye Kristo bakamukurikira. Aho ni ho ubutumwa bw’agakiza butari bukigenewe gusa ubwoko bwatoranijwe, bwahawe isi yose. Abigishwa, ku bwo agahamo barahunze bava i Yerusalemu, “baja ahantu hose bamamaza ijambo ryimana.” “Filipo yaramanutse aja mu gisagara c’i Samariya, maze abamenyesha ivya Kristo. Petero arongowe nimana, yabwiye ubutumwa umugabisha w’abasoda w’i Kayisariya, Koroneriyo umuntu yatinya Imana; kandi na Paulo, umuntu w’ishaka ryinshi, yari yahavuye yizera Kristo, yahawe inshingano yo kujana ubutumwa bwiza ku banyamhanga.” (Ivyakozwe nintumwa 8:4, 5; 22:21)IB 238.3

    Uko ni ko ikintu cose cashikirijwe mu buhanuzi cashikijwe ku buryo budasubirwako, kandi intango y’ayo mayinga mirongo indwi yabaye mu mwaka wa 457 imbere y’ivuka rya Yesu hanyuma irangira mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka ryiwe. Uhereye rero kuri iyo tariki, nta ngorane iriho yo kubona igihe imisi 2300 irangirira. Amayinga mirongo indwi imisi 490 - kuba yarakuwe ku misi 2300, haciye hasigara imisi 1810. Imisi 490 imaze guhera, hari hagisigaye iyindi 1810 yategerezwa gushitswa - uhereye mu mwaka wa 34 inyuma y’ukuvuka kwa Kristo; imyaka 1810 iherana n’umwaka wa 1844. Biboneka neza rero ko imisi 2300 yo muri Daniyeli 8:14 iherana n’umwaka wa 1844. Nk’uko umumarayika yabishingiye intahe, mw’iherezo ry’ico kiringo gihambaye c’ubwo buhanuzi, “ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka .” Rero igihe c’uguhumanurwa kw’ahera cane - cari kizwi hafi na bose ko kizoshika igihe Yesu azoba agarutse -- cari kigaragaye ubudasubirwako.IB 238.4

    Miller n’abo bafashanya bemera ubwa mbere yuko imisi 2300 izohera ku mutasuro w’umwaka wa 1844, mu gihe ubuhanuzi bwo bwemeza ko ari mu gatasi k’uyo mwaka nyene. Uko kwihenda kuri iyo ngingo kwatumye habaho umwiheburo ukomeye no gucutsa umutima kuri abo bari bazi ko Yesu azogaruka kuri iyo tariki ya mbere yari yiyumviriwe. Ariko ibi ntivyahungabanije na gato uburemere bw’ingingo yerekana neza yuko imisi 2300 yarangiye mu mwaka wa 1844, kandi yuko ikiringo gihambaye cerekeranye n’uguhumanurwa kw’ahera cane categerezwa gushika uyo mwaka nyene.IB 239.1

    Aho yitwararika gusoma Ivyanditswe akavyiga nk’uko yabikoze kugira ngo yerekane ko ari vyo Imana yihishuriyemwo, Miller ntiyari yiteze gushika ku ndunduro nk’iyo yashitseko. Ku bwiwe cari ikintu kigoye kugira ngo ashobore no kwemera ivyo yashitseko. Ariko rero Ivyanditswe vyari bitomoye neza kandi vyumvikana ku buryo ata buryo bwari ho yuko wobica i ruhande.IB 239.2

    Yihaye imyaka ibiri yo kwiga Bibiliya, aho mu mwaka w’1818, yashitse aho yemera icese ko mu myaka 25 yari imbere, Kristo yari kugaruka aje gucungura abantu biwe. Miller avuga yuko “atabona ukuntu yari kwerekana umunezero uhambaye yari afise kubera ukwo gutahura, canke ngo abe yodondora ukuntu umutima wiwe wama ureretse gusangira akamwemwe n’abacunguwe. Bibiliya yari yahindutse igitabo gishasha kuri jewe. Cari igihe c’ibirori ku bwenge bwanje; ibintu vyose vyari bitwikiriwe n’umwiza, bitoroshe gusigura, canke ari igipfungu kuri jewe mu nyigisho zayo, vyari vy amaze kweyuka mu bwenge bwanje imbere y’uwo muco uhambaye wariko urarasa uva mu nyandiko zayo; kandi kubw’ivyo, mbega ukuntu ukuri kwaserutse nk’umuco umurika kandi kwisakaye icubahiro! Imvugo zose zivuguruza hamwe n’izidafise ishimikiro nari narabonye ubwa mbere muri Bibiliya zari zakamanganye; kandi n’ubwo hariho ibice bimwe bitari bwanshimishe kuko ntari bwabironkere ubusobanuro bwuzuye, ariko umuco ugwiriranye wari umaze kuboneka uvuye muri ivyo bice, kugira ngo umurikire ubwenge bwanje bwari bwabanje gutwikirwa n’umwiza, ku buryo nasanze ko kwiga Ivyanditswe ari ikintu kizana uguhimbarwa umuntu atoziga ko vyovuye muri izo nyigisho.” (Bliss, pages 76, 77.)IB 239.3

    “Maze gutahura ntagisubira gukekeranya ko ivyo biringo bihambaye vyari vyerekanywe vyahishuwe muri Bibiliya kandi ko vyategerezwa gushika mu gihe gitoya, ikibazo carangarutseko kandi gifise inguvu nyinshi ku vyerekeranye n’ico nomarira isi nkurikije ukuntu na jewe nyene ingene kumenya ivyo biringo vyagize ubwaku bukomeye ku vyiyumviro vyanje.” (Ibid., page 81.) Nta kindi kintu yumva yokora uretse kugobererwa gushikana ku bandi uwo muco yari yararonse. Yari yiteze ko kumbure abantu batubaha Imana bazomurwanya ariko yari afise ivyizigiro ko abakristo bo bazonezezwa no kubona haremeshejwe ivyizigiro vyo kuzohura n’Umukiza bashingira intahe ko bamukunda. Ubwoba yari afise bwonyene ni uko umunezero wabo uhambaye w’amahirwe yo gucungurwa barindiriye, wari wimirije gushitswa, benshi bari guhava bakira iyo nyigisho batabanje gufata umwanya uhagije ngo basesangure mu Vyanditswe, bahinyuze ukwo kuri. Rero yaratenyenye kugushikiriza, atinya ko ashobora gukora ikosa ugasanga abaye igikoresho co kuzimiza abandi. Yumvise kandi agoberewe kwongera gusubira kurimbura ibimenyamenya bishigikira indunduro yashitseko no kuzirikana neza ikintu cose camugoye gutahura mu gihe yariko aratohoza ukwo kuri mu Vyanditswe. Yasanze urwitwazo rwose rweyuka imbere y’umuco w’ijambo ry’Imana, nk’uko umuyaga w’imbeho wo mu gatondo ukamuka izuba rirashe. Imyaka itanu yamaze atohoza ivyo yari yaramaze gutahura yatumye arushiriza kubona ko ivyo yashitseko ari ukuri gushitse.IB 239.4

    Ubu rero ukwumva ko agoberewe kubwira abandi ivyo yari yizeye ko ari inyigisho itomoye iboneka mu Vyanditswe vyamugizeko ubushobozi, bumubera umutwaro mushasha yikoreye. Ashinga intahe avuga ati: ” Iyo naba ndi ku bikorwa vya misi yose, nama numva ijwi rivugira mu gutwi ngo ” genda ubwire isi ko igeramiwe.” Iki gisomwa cama kenshi kinza mu maso. “Ninabarira umunyavyaha nti ewe wa m uny a vyaha, ntuzobura gupfa; nawe ntugire ico uvuga co kuburira umunyavyaha ngw’ave mu ngeso ziwe: uwo munyavyaha azopfira mu bigabitanyo vyiwe ari kw’amaraso yiwe nzoyakuronderako. Yamara niwaburira umunyavyaha ivy’ingeso ziwe, ngw’ahindukire azivemwo, nawe ntahindukire ngo azivemwo; azopfira mu bigabitanyo vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bwawe.” (Ezekiyeli 33:8, 9) Naratahuye ko hamwe ababi boronka vy’ukuri imburi, benshi muri bo bokwihana; kandi ko igihe batoronka umuntu ababurira, amaraso yabo azobazwa ikiganza canje.( Bliss, page 92.)IB 240.1

    Yatanguye gushikiriza mw’ibanga ivyo yashitseko igihe cose yaba aronse akaryo kandi akama yasenze kugira ngo hagire umukozi w’Imana umwe yumva uburemere bw’ivyo yigisha maze yigire inama yo kubikwiragiza hose. Ariko iciyumviro c’uko nawe ubwiwe yari afise uruhara rwo guhaguruka akaburira abantu nticigeze kimuvamwo. Ayo majambo yama yiyanditse mu vyiyumviro vyiwe. ” Genda ubibwire isi, amaraso yabo azobazwa ikiganza cawe.” Yararindiriye imyaka icenda yose, uwo mutwaro ukomeza kuremera umutima wiwe, gushika mu mwaka wa 1831 aho ubwa mbere na mbere yamenyesheje icese ivyo yizera.IB 240.2

    Nk’uko Elisa yahamagawe kuvirira inka yarimisha mu murima, kugira ngo yambikwe ikanzu yagenewe igikorwa c’ubuherezi, na William Miller yahamagariwe gusiga itongo ryiwe maze akabwira abantu amabanga y’ubwami bw’Imana. Ico gikorwa yagitanguye ajugumizwa, abamwumviriza akabafasha gutera intambuko ku yindi mu kubatahuza ingene ibiringo vy’ubuhanuzi vyubatse mu rukurikirane rushika ku kugaruka kwa kabiri kwa Kristo. Akigoro kose yakoze kamufashije kwunguka inguvu n’ubutwari na cane cane aho yabona ingene amajambo yashikiriza yakwiragira hirya no hino ku bantu bayanyotewe.IB 240.3

    Miller yahavuye yemera gushikiriza abantu icese ivyo yizera ari uko abavandimwe biwe bamusavye kubikora kandi ico gisabo yakibonyemwo ijwi ry’umuhamagaro w’Imana. Ico gihe yari amaze imyaka mirongo itanu y’amavuka, atamenyereye kuvuga imbere y’abantu benshi, kandi akiyumvamwo ko adashoboye, atabereye ico gikorwa. Ariko kuva agitangura, akigoro yagize karahezagiwe ku buryo budasanzwe bwatumye abantu bakizwa. Insiguro yiwe ya mbere yatumye habaho umuvyuro ukomeye mu vy’i mana ku buryo imiryango icumi n’itatu, ukuyemwo abantu babiri gusa, yihanye. Baciye bamugobera bidatevye kuja gushikiriza izo nsiguro mu bindi bibanza, kandi mu kibanza cose yakoreyemwo, hafi ya hose, insiguro ziwe zatumye habaho umuvyuro mu gikorwa c’Imana. Abanyavyaha barihana, abakristo barahaguruka bakitanga ku rugero rwo hejuru; ababona mu kintu cose Imana hamwe n’abahakanyi barongowe ku kuri kwa Bibiliya no kw’Ishengero rukristo. Iki ni co cari igishingantahe c’abantu bakurikiye inyigisho ziwe: “Yashikiriye umurwi w’abantu abandi batari bwashobore gushikira”. (Ibid., page 138.) Insiguro ziwe zari zitumbereye gutuma ivyiyumviro vy’abantu bitera intambuko yo hejuru, bikazirikana ibintu bihambaye vy’idini, kandi bigatera ivyatsi ugutwarwa n’ivy’isi n’ivyipfuzo vy’umubiri vyaboneka ico gihe.IB 240.4

    Hafi mu bisagara vyose, abihana wasanga ari abantu imirongo, amajana, kubera izo nsiguro. Mu bibanza bitari bike amashengero y’abaprotestanti ukuntu atandukanye yaramwugururira imiryango kandi yama yarungikiwe n’abakozi bimana b’ayo mashengero menshi atandukanye, ubutumwa bwo kuja gusigura. Itegeko yisunze ridahinduka ni uko ata hantu na hamwe yari kuja gusigura batabanje kumurungikira ubutumire, ariko ivyo ntivyabujije yuko bipfuza ko yoja kubafasha. Abenshi batari bamenyereye ivyo yigisha na cane cane ku bijanye n’itariki ntabanduka y’ukugaruka kw’Umukiza baremera n’imiburiburi ko ukwo uza kwa Kristo ari ikintu c’ukuri kandi ko kuri hafi, ko basabwa kwitegura. Mu bisagara bimwe binini, igikorwa ciwe camye imbuto zigaragarira bose. Abacuruza inzoga zikaze bahevye urwo rudandaza rwabo maze amazu bazicururizamwo bayahindura ibibanza vy’amakoraniro; amazu y’ibikino vy’ukwisamaza yarugaye inzugi zayo. Abatemera Imana, ababona Imana mu kintu cose kiri kw’isi hamwe kandi n’abari barabaye akahebwe mu buhumbu, barisubiyeko; bam we muri bo hari haheze imyaka n’imyaka batinjira mu rusengero. Amakoraniro yo gusenga yaratunganijwe mu mashengero yose ahantu hatandukanye, mu ma karitiye atandukanye , ku buryo kw’isaha yose abantu bahagarika ibikorwa vyabo isaha zitandatu bagakoranira hamwe bagasenga kandi bagatazira Imana. Ntibabikora basunitswe n’ukwiyerekana canke ugushuhagiza, ahubwo wasanga abantu bose babona ko ari ikintu co kwubaha, ko atari ivyo gukinisha. Igikorwa ciwe, nk’uko vyagenze ku bagorozi ba mbere na mbere, nticari gitumbereye gukabura ibigumbagumba vy’abantu, ahubwo yari arajwe ishinga no gutahuza abantu no gukangura umutimanama wabo.IB 241.1

    Mu mwaka w’ 1833, Miller yahawe uburenganzira bwo gusigurira ishengero ry’Ababatiste yari abereye umunywanyi. Abakozi bimana batari bake bo muri iryo shengero baranezerejwe n’igikorwa ciwe, kandi no kubera ko no mu ntango bari bagishigikiye, yari yashoboye kubandanya insiguro ziwe. Yama mu ngendo kandi akama asigura n’ubwo aho yari yitwararitse imbere y’ahandi hari i New England hamwe n’i Middle States. Imyaka myinshi yayimaze yirihira ingendo ziwe kandi no mu nyuma nti bigeze bamusubiza amafaranga yari yaratanze. Ivyo vyatumye ataronka uburyo bukwiye ngo ashobore gushika mu bibanza vyose aho baba bamutumyeko. Iki gikorwa yarangura icese aho kumutuburira umufuko, caramusahuye ivyo yari atunze vyagiye buhoro buhoro bigabanuka, mu buzima bwiwe. Yari asanzwe atunze umuryango munini, ariko kubera yuko bose bari abantu bigerera kandi bijukira ibikorwa, itongo yari afise ryarashoboye kumutungira umuryango kandi nawe nyene riramufasha.IB 241.2

    Mu mwaka w’1833, haheze imyaka ibiri, Miller atanguye gushikiriza icese ibimenyamenya vy’ukugaruka vuba kwa Kristo, ikimenyetso ca nyuma Yesu yari yarasezeranye ko kizoba c’ukugaruka kwiwe carabonetse: “Inyenyeri zizokoroka ziva mw’ijuru”. (Matayo 24:29) Kandi Yohana mu vyo yahishuriwe, mu gihe yariko yerekwa ibizoshika nk’ibibura uwo musi w’Imana, aravuga ati: “Inyenyeri zo kw’ijuru zizokorokera hasi, nk'uko umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza.” (Ivyahishuriwe Yohana 6:13) Ibi vyavugishijwe vyashitse ku buryo budasubirwako kandi bigaragarira abantu bose igihe imvura y’inyenyeri yatibuka abantu babona kw’igenekerezo rya 13/11/1833. Iyo niyo mvura yonyene y’inyenyeri zigwiriranye kandi ziboneka ziriko zirakoragurika iri mu mateka ya kahise k’iyi si. “Ikirere c’ijuru aho Amerika iva ikagera wari guhava ugira ngo kiriko kiriyunguruza kandi ivyo vyamaze umwanya munini. Nta bintu nk’ivyo vyari bwigere biboneka muri ico kirere kuva abazungu bagiye kubayo, ku buryo umurwi umwe w’abantu wabikurikiranye biwushimishije, uwundi nawo ukabikurikirana ufise ubwoba kandi ubabaye. Ukuntu iryo koragurika ry’inyenyeri ryari ribereye kuraba ariko kandi riteye igomwe biracibukwa n’abantu benshi... Nta gihe imvura yari bwagwe iri nk’uko izo nyenyeri zakorokeye kw’isi: mu Buseruko, mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko, iryo koragurika barikurikiranye co kimwe. Mw’ijambo rimwe, ijuru ryose ni nk’uko ryariko ririyungurura. Iryo koragurika, nk’uko umuhinga mu nyigisho Silliman yaridondoye mu kinyamakuru ciwe, abantu bo muri Amerika yo mu Buraruko bararikurikiranye.... Kuva igihe c’isaha umunani z’ijoro gushika mugitondo, ijuru ryari ritekanye kandi ridatwikiriwe n'ibicu, umurongo udacika w’ibintu vyakaka warabonetse mu kirere c’ijuru.” (R. M. Devens, American Progress; or, The Great Events of the Greatest Century, ch. 28, pars. 1-5.)IB 241.3

    “Mu vy’ukuri, biragoye kuba umuntu yoronka amajambo yokoresha kugira ngo adondore neza iryo koragurika ryari riteye igomwe.... Umuntu ataribonye ntashobora kuryiyumvira ingene ryari ribereye. Vyaboneka nk’uko inyenyeri zose z’ijuru zari zakoraniye ahantu hamwe mu kirere, maze zikahavira icarimwe zifise umuco ukayangana cane, zikwiye mu mpande zose aho amaso ageza kubona, kandi ntizigere zihera. Ibihumbi vy’inyenyeri vyakurikira ibindi bihumbi, nk’uko umenga ni co zari zararemewe.” (F. Reed, in the Christian Advocate and Journal, Dec. 13, 1833.) “Uburyo bwiza bwo kugereranya iryo koragurika ni nk'uko igiti c’umusukoni ku bwo inkubi y’umuyaga, insukoni zikiri imitumbwe zokoragurika, umuyaga uzimijagira hirya no hino, nta kuntu ikintu nk’ico cobura kugaragarira abantu.” (The Old Countryman,” in Portland Evening Advertiser, Nov. 26, 1833.)IB 242.1

    Mu kinyamakuru c’urudandaza casohotse i New York kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo,1833, harimwo inkuru ndende bari banditse bavuga ivy’iryo koragurika ry’inyenyeri rihambaye. Muri ico kinyamakuru harimwo aya majambo: ” Nta muntu w’umuhinga mu kwiyumvira canke umunyabwenge, yari bwavuge canke ngo yandike, ndavyibaza inkuru nk’ivyashitse ejo mu gitondo. Haraheze imyaka 1800 umuhar.uzi yari yaravyeretswe arabishikiriza nk’uko vyashitse, nimba dushobora gutahura yuko ugukoroka kw’inyenyeri ari inyenyeri zikorotse...nk’uko nyene vyanditswe mu majambo.IB 242.2

    Uko ni ko hagaragaye ikimenyetso ca nyuma cerekeranye n’ukuza kwiwe, ico yingingiye abigishwa ababwira ati: “Nuko namwe nimwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw’ari hafi ku rugi ” (Matayo 24:33) Inyuma y’ivyo bimenyetso, Yohana yabonye ikintu gihambaye cakurikiye gishira akatuzo ku vyari bigira bishike: ijuru ryarizinze nk’uko bugara igitabo, mu gihe isi yashikirwa n’umutigito, imisozi n’amazinga vyarashinguwe mu bibanza vyarimwo, maze ababi kubwo kuzingwa n’ubwoba barondera guhunga ngo bave imbere y’amaso y’umwana w’umuntu. (Ivyahishuriwe Yohana 6:12-17)IB 242.3

    Abantu benshi babonye iryo koragurika ry’inyenyeri barifashe nk’imburi y’urubanza rwari rugiye gushika, ” ikimenyetso c’imbabazi c’uwo musi uhambaye kandi uteye ubwoba.” (“The Old Countryman,” in Portland Evening Advertiser, Nov. 26, 1833.) Uko ni ko umwitwarariko w’abantu watumberejwe kw’ishitswa ry’ivyavugishijwe, kandi benshi barashitse aho bazirikana imburi y’ukwo kuza kwa kabiri kwa Kristo.IB 243.1

    Mu mwaka w’1840, ubundi buhanuzi bwarashitse maze bumenyekana hose. Imbere y’aho nk’imyaka ibiri Josiah Litch, umwe mu bavugiramana bari bazi ko bashira akatuzo ku nsiguro zerekeranye n’ukugaruka ubugira kabiri kwa Kristo, yashize ahabona integuro yari yagize ku gice c’icenda cTvyahishuriwe Yohana, aho vyaboneka ko ubutegetsi bwa Turikiya buzosambuka. Wisunze ibiharuro yari yaragize, ubu butegetsi bwari gusambuka mu mwaka wa 1840, inyuma y’ivuka rya Yesu, nko mu kwezi kwa Myandagaro. Kandi hasigaye imisi ibiri gusa ngo ivyo bishike, ibi nivyo yanditse: ” Mu gihe twokwemera ko igice ca mbere, imyaka 150, yoba yaraheze imbere y’uko aba “Deyakoze” bimikwa ku ngoma babirekuriwe n’abanya Turikiya ; kandi ko imyaka 391 n’imisi 15 yatanguye igihe ca mbere kirangiye, izoca irangira kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro, umwaka wa 1840 aho ubutegetsi bw’aba “Ottoman” i Constantinople bwari bwitezwe ko busenyuka. Kandi ndizera yuko ari uko bizogenda.(Josiah Litch, in Signs of the Times, and Expositor of Prophecy, Aug. 1, 1840.)IB 243.2

    Kuri ico gihe nyene cari cavuzwe, ibicishije ku bayiserukira, Turikiya yaremeye gukingirwa n’ibihugu vy’i Buraya vyari vyishize hamwe, aho rero yari imaze kwishira munsi y’uburongozi bw’amahanga rukristo. Ayo masezerano yashikije neza na neza ivyari vyaravugishijwe. Aho iyo nkuru imariye kumenyekanira, abantu isinzi baciye bajijuka barabona ko uburyo William Miller n’abo bafatanije bakoresheje basigura ubuhanuzi ari bwo, kandi umwitwarariko ujanye n’ukuza kwa kabiri kwa Kristo waciye wongerekana. Abantu bafise ubumenyi buhambaye canke bahawe icubahiro n’ibibanza barimwo barifatanije na Miller, haba mu gusigura no mu gushira ahagaragara ivyo yari yarashitseko mu vyirwa vyiwe, kandi kuva 1840 gushika 1844, igikorwa carisununuye cane.IB 243.3

    William Miller yari umuntu akerebutse cane, yari yashikanywe kuri urwo rwego no kwiga hamwe no kwiyumvira; kandi kuri izo ngabire yari yongeyeko ubwenge buva mw’ijuru kuko we ubwiwe yavoma kw’isoko y’ubwenge. Yari umuntu w’iteka, yubahwa kandi ashimwa aho hose baha agaciro ukuba inyankamugayo n’ukwitwararika inyifato runtu. Ku bwo kuba afise ubugwaneza bw’umutima wo kwicisha bugufi rukristo n’ubushobozi bwo kwigumya, yari umuntu yumviriza uwari we wese kandi afise umwitwarariko udasanzwe, yama yiteguye kwumviriza iryo abandi bagona no gushira ku munzane ivyiyumviro bafise. Ata gushuhagiza kandi adatwawe n’ibigumbagumba, inyigisho hamwe n’ingingo zose yazisuzumisha ijambo ry’Imana; kandi kubw’ ubushobozi bwo kwiyumvira yari afise, hamwe n’ubumenyi bwagutse bw’Ivyanditswe, ivyo vyaramushoboje kutemera amakosa no gushira ahabona ikinyoma.IB 243.4

    Ariko rero ntiyabuze guhura n’abamurwanya ariko ararangura ico gikorwa. Nk’uko vyagenze mu gihe c’abagorozi bo hambere, ukuri yashikiriza ntikwakiranywe igishika n’abigisha rurangiranwa bo mu mashengero. Ariko kubera ko abo bigisha batari bafise ivyo boshikiriza mu Vyanditswe kugira ngo batsimbataze inyigisho zabo, wasanga ata bindi bashikiriza atari ivyavuzwe canke inyigisho z’abantu; canke naho imigenzo y’abakurambere. Ariko ijambo ryimana ni co gishingantahe conyene abamamaza ukuri kw’ukuza kwa Yesu bemera. “Bibiliya, kandi Bibiliya yonyene” ni ryo jambo bashira imbere. Kubera ko abakeba babo ata Vyanditswe bakoresha, ico bashira imbere kwari ukumaramaza no gukengera abamamaza ukuri. Umwanya, uburyo n’ingabirano vyarakoreshwa kugira ngo bateshe umurongo abantu ata kindi caha bagirizwa uretse kuba barindiranye umwizero ukuza kw’Umwami wabo kandi bakaba binanata kugira ngo babeho ubuzima butunganye kandi biteguza abandi ukwo kuza guhambaye.IB 244.1

    Utwigoro twinshi twarakorwa kugira ngo bakure ivyiyumviro vy’abantu ku kuza kwa kabiri kwa Yesu Kristo. Kwiga ivyavugishijwe vyerekeye ukuza kwa Kristo n’umuhero w’isi vyaboneka nko gukora icaha, ikintu umuntu yari kwumva amaramaye aramutse agikoze. Uko ni ko abavugiramana batumye abantu bakekeranya ukwizera ijambo ryimana. Inyigisho zabo zatumye abantu bahinduka abatemera, benshi mbere bahakura uburenganzira bwo kugenda bisunze ivyo umubiri wabo wipfuza. Hanyuma inkwezi z’amarere y’ikibi zica zagiriza ivyo vyose Abadvantiste.IB 244.2

    Naho inyigisho za Miller abantu b’incabwenge n’abandi bose bazi gutega amatwi baza kuzumviriza ari benshi, ku buryo wasanga buzuye amazu y'amakoraniro, izina ryiwe ryaraserutse bidatevye mu kinyamakuru c’amashengero bamutyoza kandi babuza abantu kumwumviriza. Inyifato yo gufata ibintu minenengwe no kunebagura ivy imana y’abarongozi b’amashengero, yatumye bamutorera amazina yo kumutyoza no kumugaya, bakora uko bashoboye kwose ngo bankirize igikorwa ciwe . Uyo mutama yari amaze kugira imvi ku mutwe yari yemeye agasiga urugo rwiwe rumeze neza akava mu gisagara aja mu kindi, agakora uko ashoboye ngo amenyeshe isi ko umusi w’urubanza uri hafi, baramwifatiye mu gahanga bamwagiriza ko apfa kwemera ibintu atarimbuye, ko ari umubeshi kandi ko ari umuhumvyi.IB 244.3

    Ubumaramare, ububeshi hamwe n’ukuzirika abantu ku kagozi bamwagiriza, vyatumye bamwe bamwiyamiriza ku musi ku musi mu binyamakuru. “Kwiga ikibazo nk’ico gihambaye cane kandi gifise ingaruka ziteye ubwoba” mu buyayasi no mu gukoresha amajambo atagira urupfasoni, ab’isi ntibabibona gusa nko kurengera akarimbi abari basanzwe bacigisha, ahubwo “babona ko ari ugukengera uwo musi w’urubanza ubwawo, kugaya Imana hamwe no kugwiza n’ubusa ubwoba umuntu agira kubera Sentare yayo.” (Bliss, page 183.)IB 244.4

    Sekibi ntiyarondera gusa gukoma mu nkokora ubwaku ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu bwariko buragira ku bantu, ahubwo yarondera no kunyitsa uwariko arabushikiriza. Miller yasaba abamwumviriza ko boshira mu ngiro ukuri kwo mu Vyanditswe, agatunga urutoke ivyaha bakora kandi agahungabanya ibi bash imisha. Amajambo yiwe atagabanije kandi acumita ni yo yakabuye urwanko bari bamufitiye. Ukunebagura ubutumwa bwiwe kwabonetse ku banywanyi b’amashengero kwasunitse abantu ataco bibanga bahakwa gushika kure; abansi biwe bamugiriye inama yo kumwica mu gihe yari kuba asohotse mu kibanza c’inama. Ariko rero abamarayika bari aho hagati y’ikoraniro. Umwe muri bo, yisakaye ishusho y’umuntu, yafashe ukuboko kw’uyu mukozi w’Umwami maze mu mutekano ntangere amukura imbere y’abo bantu bari baboshwe n’ishavu. Igikorwa ciwe nticari bwarangurwe; Satani n’abamukorera ntibashoboye gushika ku ntumbero yabo.IB 244.5

    Ishaka ryo kurondera kumenya ivyo ukuza kwa Kristo ryabandanije kwiyongera n’aho abamurwanya batari babuze. Abantu baza mu makoraniro yo kwumviriza ubwo butumwa bari biyongeye, ntibari bakiri amajana, bari babaye ibihumbi. Amashengero atandukanye yari yakuye mu nzira inzitizi zibuza ko ubwo butumwa bwohashikirizwa, ariko haheze umwanya muto agatima ko kurwanya ico gikorwa karabonetse mbere no mu bari babanje kugiha ikaze; rero amashengero yatanguye gufatira ibihano abari bamaze gukurikira inyigisho za Miller. Iyo nyifato yamuteye kwandikira abayoboke bo mu mashengero yose abasaba ko nimba ivyo yigisha ari ibinyoma, ko bikwiye ko bomwereka mu Vyanditswe aho yihenze.IB 245.1

    Uku ni ko yavuze: “Ivyo twizeye tutabisabwe n’ijambo ry’Imana mwebwe ubwanyu mwemera ko ari mushinge, mbere umushinge wonyene wo kwizera hamwe n’ibikorwa vyacu, ni ibihe? Ico twakoze cotuma batwagiriza n’ishavu haba ku ruhimbi canke mu binyamakuru, mbere bikaba inguvu zituma mubona ko bibereye ko munshira hanze y’amashengero yanyu n’amakoraniro ni igiki? “Nimba twakoze ibitari vyo, ndabasabe aho twihenze. Ni mutwereke mwisunze ijambo ry’Imana ko turi mu makosa. Mwaratumaramaje bihabije ariko ivyo ntibizokwigera bituma twemera ko turi mu makosa. Icotuma duhindura ivyiyumviro dufise ni ijambo ry’Imana ryonyene. Ivyo twigishije icese twabishitseko habayeho ukwumvikana no gusenga dukurikije uko twagenda turabibonera ibimenyamenya mu Vyanditswe.”( Ibid., pages 250,252.)IB 245.2

    Uko ibihe vyagiye bikurikirana, imburi Imana yamenyesheje isi ibicishije ku basuku bayo, abantu bagiye bayakirana ugukekeranya no kutizera. Igihe ibibi vy’abantu babayeho imbere y’umwuzure vyatuma Imana iranduza isi amazi, yabanje ubwa mbere kubamenyesha umugambi ifise kuri bo, kugira ngo ibaronse akaryo ko kuba bovavanura n’ikibi. Mu gihe kingana n’imyaka 120, bama bumvise imburi yabasaba kwihana kugira ngo uburake bw’Imana ntibubarandure. Ariko ubwo butumwa babufashe nk’akajajuro, ntibabwemera. Ku bwo gutwarwa n’ikibi, barakengereye intumwa y'lmana, bafata minenegwe ivyo yariko irabahamagarira gukora, mbere bayagiriza ko ikavya mu vyo ishikiriza . Bishoboka gute ko umuntu umwe rudende ahaririza abantu bose bahambaye kw’isi? Nimba ubutumwa bwa Nowa kwari ukuri, ni kuki isi yose itabwakiriye ngo ibwemere? Ivyiyumviro vy’umuntu umwe bishobora gute gusumba ubukerebutsi bw’abantu ibihumbi! Ntibari kwemera imburi, kandi ntibari kurondera ubwugamo mu bwato.IB 245.3

    Abamutwenga buririra ku bidukikije mu kwishigikira; ibihe vy’umwaka ntivyigera bihindagurika, ijuru risa n’ubururu ntaho ryari bwigere rirekurira imvura kw’isi, imirima itotahaye yakura akabombera ku rume rwayitondako mw’ijoro; ivyo vyatuma bavuga cane bati : ” Reka kutubwira iyo migani!” Muri ukwo guharira, uwo musiguzi w’ukugororoka bamugereranije n’umuntu yataye umutwe. Rero bibandanirije ubuzima barimwo barushiriza kurazwa ishinga no kurondera ibibanezereza, no kurushiriza kugendera mu nzira zabo mbi kuruta uko vyahora. Ariko ukutizera bwabo ntikwasubije inyuma canke ngo kuzimanganye ivyari vyaravuzwe ko bizoshika. Imana yari yarihanganiye igihe kirekire ubugizi bwabo bwa nabi, ibaha akaryo gakwiye ko kwihana; ariko igihe cari cashinzwe kigeze, abari banse kwakira ikigongwe cayo barashikiwe n’urubanza.IB 245.4

    Kristo avuga ko mu gihe c’ukugaruka kwiwe hazoboneka ukutizera gufitaniye isano n’ukwo mu gihe ca Nowa. Nk’uko abantu bo mu misi ya Nowa “batagize ico bamenya kugeza aho umwuzure waziye ukabatwara bose”, uko ni ko, mu majambo y’Umukiza, “bizomera no mu gihe c’ukuza kw’umwana w’umuntu.” (Matayo 24:39) Igihe abantu bazwi ko bitwararika ivy’Imana bazokwifatanya n’isi, bakabaho ubuzima bw’ab’isi ,bakifatanya nabo mu minezero batarekuriwe; igihe ibihimbaro vy’isi bizohinduka ivy’ishengero; inkengeri zirarikira abantu kwitaho ibirori vy’ukwabirana zikama zavugijwe kandi abantu bose bakama biteze imyaka myinshi yo gutekanirwa kuri iyi si, aho niho umuhero wa kazoza gaca ibibatsi n’ivyizigiro bidafise ishimikiro uzobashikira giturumbuka nk’imiravyo itabagura igicu.IB 246.1

    Nk’uko Imana yarungitse abasavyi bayo ngo baburire isi ku bijanye n’umwuzure, uko niko yanarungitse intumwa yatoranije ngo zimenyeshe abantu ko urubanza rwa nyuma rwegereje. Kandi nk’uko abo mu runganwe rwa Nowa bamutwenze bagakengera ivyo uwo musiguzi w’ukugororoka yariko arabashikiriza, no mu gihe ca Miller, benshi mbere harimwo n’abavugwa ko bitwararika ivy’Imana, barakengereye amajambo y’imburi baronse.IB 246.2

    None ni kuki inyigisho n’insiguro zerekeranye n’ukugaruka kwiwe zitakiriwe neza n’amashengero? Mu gihe inkuru y’ukuza kw’Umwami ituma ababi bumva ko bagowe kandi bakihebura; ku bagororotsi bo ibazanira umunezero n’ivyizigiro. Uku kuri guhambaye nka nyene kwo nyene kwabaye indemesho ku bizera Imana b’Imyaka yose; mu gihe ariko kwahindukiye ibuye ritsitaza n’igitandara gitukisha abiyita ko bitwararika ivy’Imana. Umwami wacu ubwiwe niwe yasezeraniye abigishwa biwe ati : “Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajan i wanje, ngw’aho ndi namwe abe ariho muba.” (Yohana 14:3) Umwami w’impuhwe, amaze kubona imbere y’igihe umubabaro n’ubunyakamwe abamukurikiye bari basigayemwo, yaciye arungika abamarayika kubaremesha abemeza ko azogaruka nk’uko bamubonye agiye mw’ijuru. Mu gihe abigishwa bose bari bahagaze baraba hejuru ngo barabukwe ubwa nyuma uwo bakunda, bavuye mu gacerere barimwo bum vise aya majambo ngo: ” Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni iki gitumye muhagaze muraba mw’ijuru? Uyo Yesu, abakuwemwo akaduzwa mw’ijuru, azoza atyo, nk’uko mumubonye aja mw’ijuru.” (Ivyakozwe n’lntumwa 1:11) Ivyizigiro vyabo vyari vyongeye kunagurwa bundi bushasha n’aya majambo y’umumarayika. Abigishwa “basubiye i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi, bakama mu rusengero ubudasiba bashima Imana.” (Luka 24:52, 53) Ntibari banezerejwe n’uko Yesu yabakuwemwo kandi basigaye bahanganye bonyene n’ingorane hamwe n’ibigeragezo vy’isi, ariko amajambo y’umumarayika yari amaze kubemeza ko azogaruka ubwa kabiri ni yo yari abateye kunezerwa.IB 246.3

    Ukwamamaza ukugaruka kwa Yesu, nk’uko kwamenyekanishijwe n’abamarayika ku bungere b’i Betelehemu, kwategerezwa ubu kuba ubutumwa bwiza bw’umunezero mwinshi. Abantu bakunda Umukiza muvy’ukuri ntibareka gutangaza, bafise umunezero, ubutumwa bun mw’ijambo ry’Imana, bw’ivyizigiro vy’ukugaruka ubwa kabiri birikoraniyemwo; atari ukugira ngo bamutuke, bamugaye canke bamukumire nko mu gihe yaza ubwa mbere, ahubwo berekane ko mu bushobozi no mu cubahiro, yaje gucungura abantu biwe. Abadakunda Umwami ni bo bipfuza ko yoguma kure y’aho bari; kandi nta kimenyamenya coza gisumba ico cerekana ko amashengero yitandukanije nimana, coruta ubugizi bwa nabi no gushuhirana vyakabuwe n’ubwo butumwa bwarungitswe buva mw’ijuru.IB 246.4

    Abemeye inyigisho yo kugaruka kwa Kristo bikangurira kurondera kwihana hamwe no guca bugufi. Benshi bari baramaze igihe kirekire batazi ico bohitamwo hagati ya Kristo n’isi; ubu barabona ko igihe co kugira aho bahagaze cari kigeze. Ibintu vy’ubuzima buhoraho bari bagiye babona ko ari ukuri kuzima. Ijuru ryari ryabegereje noneho kandi babona ko imbere yimana hari ico biyagiriza.( Bliss, page 146.) Abakristo bumva hariko haraboneka muri bo ubuzima bushasha mu vya Mpwemu. Bari bashitse aho batahura ko umwanya ari mugufi, ko ivyo bakorera bagenzi babo bakwiye kubikora vuba. Ibibazo vyo kuri iyi si vyariko birakamangana, ubuzima bw’ibihe vyose bwari imbere yabo, kandi umutima hamwe n’ibijanye nawo vy’umubabaro canke vy’umunezero udahera vyariko birakamangana. Mpwemu wimana yari kuri bo kandi yarabaha ububasha kugira ngo bahamagare binginga abavukanyi babo mbere n’abanyavyaha ngo bitegurire uwo musi wimana. Igishingantahe c’ingene babayeho ubuzima bwabo bwa misi yose cari icagirizi gikomeye ku bakristo bo guheza umugenzo kandi bataritunganya vy’ukuri. Abo nibo bumva ata muntu akwiye kubahungabanya mu vyo barimwo vyo kwiruka inyuma y’ibibahimbara, kurondera amafaranga canke ivyicaro vy’icubahiro vy’iyi si. Uko niko urwanko no kurwanya ukwizera ivy’ukugaruka kwa Kristo vyashinze imizi mbere binabangamira abamamaza iyo nkuru ya Yesu agira agaruke.IB 247.1

    Kubera yuko ibimenyamenya vyaboneka muri ivyo biringo vy’ubuhanuzi vyasa nk’uko ari ntabanduka, abarwanya ubwo butumwa bagize ishaka ryo guca intege abarondera guhinyuza bafata umwanya wo kwiga ubuhanuzi, bababwira ko ubuhanuzi bwugaye atawobutahura. Uko ni ko abaprotestanti bashize amakanda yabo mu y’abayoboke b’ishengero ry’i Roma. Mu gihe ishengero rya Papa ryakura Bibiliya mu bantu rikababuza kuzisoma, amashengero y’abaprotestanti yo yatangaje ko igice kitari gito c’ijambo ryimana - kandi ico gice nyene akaba arico gifasha kubona ukuri kw’igihe tugezemwo- ko bitashoboka ko umuntu agitahura.IB 247.2

    Abavugiramana hamwe n’abantu basanzwe batangaje ko ubuhanuzi bwa Daniyeli hamwe nivyahishuriwe Yohana yari amabanga anyegejwe. Ariko Kristo yari yarongoye abigishwa biwe ku majambo y’umuhanuzi Daniyeli yerekeranye n’ivyari gushika mu gihe cabo; yari yavuze ati: “Usoma ni yiyubare.” (Matayo 24:15) Kandi abavuga ko Ivyahishuwe ari ibanga umuntu adashobora gutahura, baciye kubiri n’amajambo y’umutwe w’iki gitabo: “Hahirwa usoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa nimana bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw’igihe kiri hafi.” (Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3)IB 247.3

    Uwavugishwa nimana aravuga ati:” Hahirwa usoma”. Hariho abantu badasoma, abo nta migisha bazoronka. ” Hahirwa n’abumva”. Hariho kandi abandi banka kwumviriza ikintu cose cerekeranye n’ubuhanuzi, abo nta mugisha bafise. “Bakitondera ivyanditswe muri yo”. Benshi baranka kwumva imburi hamwe n’ivyo kwitondera biboneka mu gitabo c’lvyahishuriwe Yohana; nta n’umwe muri abo yokomoza imigisha yasezeranywe. Abo bose bakengera inyigisho z’ubuhanuzi, bagatwenga ibimenyetso vyashizwe ahagaragara icese, abo bose banka kuvugurura ubuzima bwabo ngo bitegurire ukugaruka kw’umwana w’umuntu, ntibazohezagirwa.IB 247.4

    Twongeye tukaraba igishingantahe cerekeranye n’uguhishurirwa, none abantu bubahuka gute kwigisha ko Ivyahishuriwe Yohana ari amabanga ubwenge bw’umuntu butotahura? Iri ni ibanga ryashizwe ahagaragara, ni igitabo cuzuye. Ukwiga Ivyahishuriwe Yohana bica bitumbereza ubwenge bwacu ku buhanuzi bwa Daniyeli, kandi ivyo bitabo vyompi bishikiriza ibintu vyo kwisunga bihambaye Imana yahaye abantu vyerekeranye n’ibiringo bizoshika mw’iherezo ry’amateka y’iy’si.IB 248.1

    Yohana yeretswe ibintu vyimbitse bifitiye akamaro gahambaye Ishengero. Yabonye ikibanza, ingorane, amadidane hamwe n’ugucungurwa kwa nyuma ku bwoko bw’Imana. Yanditse ubutumwa buhereza buhambaye bwo gutegura umwimbu w’iyi si nk’imiganda izokwegeranywa na nyene umurima avuye mw’ijuru canke nk’ivyatsi vyo guturira. Ingingo zihambaye yarazeretswe, na cane cane izerekeranye n’Ishengero ryo mu misi ya nyuma, kugira ngo abo bose bahindukira bakava mu kinyoma, bakakira ukuri, bamenyeshwe ibihe biteye ubwoba n’ingorane ziri imbere yabo. Nta n’umwe akwiye kuba mu mwiza ugereranije n’ibigiye gushikira isi.IB 248.2

    None ni kubera iki abantu benshi batazi iki gice gihambaye c’Ivyanditswe? Ni kuki hariho ukuzirora kudasanzwe mu bijanye no gusesangura inyigisho ziboneka muri ico gice c’ivyanditswe? Iyo ni ingaruka y’akigoro kadasanzwe umuganwa w’umwiza akoresha kugira ngo anyegeze abantu ivyotuma batahura ikinyoma ciwe. Kubw’iyo mpamvu, Kristo nyene guhishura, kubwo kubona imbere y’igihe intambara bazotera ku biga Ivyahishuwe, yamenyesheje ko hahirwa abasoma, abumviriza, hamwe n’abashira mu ngiro amajambo y’ukuvugishwa.IB 248.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents