Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 38 - Imburi Ya Nyuma

    “Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi amanuka avuye mw’ijuru afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubwiza bwiwe. Asemerera n’ijwi rirenga, ati kirakomvomvotse kirakomvomvotse Babuloni ca gisagara gihambaye , gicitse ikibanza c’abadayimoni aharindirwa impwemu zihumanya zose , aharindirwa ibisiga bihumanya vyankwa vyose. Numva ijwi rindi rivuye mw’ijuru, rivuga riti bantu banje ni muve iwe, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe.” (Ivyahishuriwe Yohana 18:1,2,4)IB 423.4

    Iki gisomwa cerekana igihe hamenyeshwa ivyo ukugwa kwa Babuloni, nk’uko vyashikirijwe n’umumarayika wa kabiri wo mu Vyahishuriwe Yohana 14:8. Ubu butumwa buzosubirwamo hongeweko ikindi kintu cerekanye n’ibibi vyinjiye mu mashengero atandukanye agize Babuloni, kuva igihe ubwo butumwa bwatanzwe ubwa mbere ku gacikamvura ko mu mwaka wa 1844. Mu buryo bugaragara, haramenyeshejwe ibihe biteye ubwoba amashengero y’isi arimwo. Uko hazogira agace na kamwe k’ukuri kirengagizwa ni nako n’ivyiyumviro vy’abantu bizoterwa n’umwiza, imitima yabo irushirize gukomantara, gushika aho bagwa mu mutego wo kutagamburuka kandi bakabikora nkana. Mu kwerekana ko imburi Imana yabarungikiye ataco zivuze, bazobandanya gukandagira rimwe mu mabwirizwa icumi y’ I mana, gushika naho bazototeza, bagahama abayubahiriza. Kristo ntibamwemera kubera ko bakengera ijambo n’abantu biwe. Kubera yuko inyigisho zijanye n’ivyo ukuvugana n’abapfuye zakiriwe n’amashengero, ivyahora bikingira umutima w’umuntu kwiyanduza vyarakuweho, maze kwereka abantu kuri umukristo bisigara bimeze nk’ukwambara impuzu nziza itwikiriye ibikorwa biteye isoni. Ukwizera ivyo ukuvugana n’abapfuye vy’ugururira urugi impwemu zigerageza abantu hamwe n’inyigisho z’abadayimoni, kandi uko niko ubwaku bw’abamarayika bacumuye buzoshika mu mashengero.IB 423.5

    Aya niyo majambo avugwa kuri Babuloni igihe ubu buhanuzi bwashirwa ahagaragara, “Kukw’ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw’ijuru, kandimana yibutse ukugabitanya kwiwe.”(Ivyahishuriwe Yohana 18:5) Yarujuje igikombe c’aho ukugira nabi kwiwe kugera, kandi uguhona kuri hafi yo kumushikako. Ariko rero imana iracafise abantu i Babuloni; kandi imbere y’uko iyicira urubanza, abo bantu b’abizigirwa bazobanza basabwe kuyisokamwo kugira ngo bareke gusangira nawe ivyaha vyiwe kandi “ntibaronswe ku vyago vyiwe.” Ni co gituma hagereranijwe igikorwa c’umumarayika yamanutse avuye mw’ijuru, ubwiza bwiwe bukamurikira isi, maze agatera akamo n’ijwi rirenga amenyesha ivyaha vya Babuloni .Nk’uko ubu butumwa bubishikiriza, harumvikanye uyu muhamagaro ngo: “Bantu banje, ni muve iwe”. Aya majambo yashikirijwe, hamwe n’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu, ni vyo bigize imburi ya nyuma izohabwa abantu babaye kw’isi.IB 424.1

    Ahantu isi iriko iraja harateye ubwoba. Ubushobozi bwo kuri iyi si, bwishize hamwe ngo bugwanye amategeko y’Imana, buzoshinga yuko “Bose aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi, n’aboro, n’abidegemvya n’abagurano,” bubahiriza imigenzo y’ishengero mu guha agaciro isabato y’ikinyoma bakayiruhuka. Abo bose bazokwanka kugendera ku mategeko bahawe bazohamwa n’ubutegtsi bw’igihugu, kandi mu nyuma bizomenyeshwa yuko bakwiriye kwicwa. Ku rundi ruhande, itegeko ry’Imana rivuga ivy’umusi w’ikiruhuko c’umuremyi risaba kwubahirizwa kandi rikerekana ko hariho uburake buzoshikira uwo azoca kubiri n’ivyo risaba. Hazobazwa ikibazo ku buryo butomoye neza, maze uwo wese azokandagira ibwirizwa ryimana akubahiriza iryashinzwe n’umuntu, azoba aronse ikimenyetso c’igikoko; azoba yakiriye ikimenyetso cerekana ko ari musi y’ubushobozi yahisemwo kugamburukira aho kwubahiriza Imana. Iyi ni yo mburi yavuye mw’ijuru: “Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco akemera gushirwa kw’ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino niyo burake bwimana yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo.” (Ivyahishuriwe Yohana 14:9, 10)IB 424.2

    Ariko nta muntu n’umwe azoshikirwa n’uburake bwimana atarabanza kubwirwa ukuri ngo gushikanwe mu bwenge no ku mutimanama wiwe, maze ngo abe yaguhakanye. Hariho abantu benshi batarigera baronka akaryo ko kwumviriza ukuri kudasanzwe kwa kino gihe. Ivyo ibwirizwa rya kane risaba ntibaravyerekwa mu muco wa vyo w’ukuri. Wa wundi asoma mu mutima w’umuntu wese kandi akagerageza impamvu yose, nta muntu n’umwe yipfuza kumenya ukuri azoreka ngo ahendwe ku bijanye n’ibibazo vy’intambara ihambaye. Itegeko nta muntu n’umwe rizoshikira giturumbuka. Umuntu wese azoba afise umuco ukwiye kugira ngo afate ingingo abanje guhanuza umutima n’ubwenge.IB 424.3

    Isabato izoba urupimo ruhambaye rw’ubugamburutsi, kuko ni yo ngingo y’ukuri abantu batandukaniyeko mu buryo budasanzwe. Igihe urupimo rwa nyuma ruzoba rumaze kugirwa ku bantu, aho rero umurongo utandukanya abantu bakorera Imana hamwe n’abatayikorera uzoca ucibwa. Mu gihe ukwubahiriza isabato y’ikinyoma kugira ngo wifatanye n’amategeko y’igihugu, bihushanye n’ibwirizwa rya kane, kuzoba ari ukwerekana icese ko ugamburukira ubutware burwanya Imana; ukuziririza isabato y’ukuri, mu kwubahiriza ibwirizwa ry’Imana, ni ikimenyamenya ko ugamburukira Umuremyi. Mu gihe umurwi umwe mu kwemera ikimenyetso co guca bugufi musi y’ubutware bw’iyi si uzoba wakiriye ikimenyetso c’igikoko, uwundi uzoba wahisemwo akaganuke ko kugamburukira ubutegetsi bw’Imana, uzoba wakiriye ikidodo c’Imana.IB 425.1

    Gushika ubu, abashikirije ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu babafashe nk’uko ari abantu batera abandi ubwoba. Ivyo bamenyesheje yuko muri Amerika ukutihanganirana kw’amadini kuzongera kukavyura umutwe, yuko ishengero rizokwishira hamwe n’ubutegetsi bw’igihugu kugira ngo batoteze abubahiriza amategeko y’lmana, vyafashwe nk’uko ata shingiro bifise kandi bitumvikana. Vyaravuzwe icese ata bwoba yuko iki gihugu kitazokwigera kivavanura na kahise kaco, ko kizokwama gishira imbere umwidegemvyo mu kwemera. Ariko kubera yuko ikibazo kijanye no gushinga itegeko rihimiriza abantu kwubahiriza ikiruhuko co ku wa mbere w’indwi gisigaye cakwiye hose, ibiringo bakekeranya kuva kera ko vyashitse biriko biratwegereza, kandi ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu buzoshika ku kintu butari bwashitseko ubwa mbere.IB 425.2

    Mu runganwe rwose, Imana yamye irungika abasuku bayo kurwanya icaha, haba mw’isi canke mw’ishengero. Ariko abantu bipfuza ko bababwira amajambo atabahambarira, kandi ntibemera ukuri kurongoroye, kutagira akarohe. Abagorozi benshi aho batangura igikorwa cabo, bigiriye inama yo kugaba bihagije mu gihe bariko baratunga urutoke ivyaha vy’ishengero hamwe n’ivy’igihugu. Bari bafise ivyizigiro vy’uko bakoresheje akarorero k’ubuzima rukristo buringaniye, bazoshobora kugira ubwaku ku bantu bagasubira ku nyigisho za Bibiliya. Ariko Mpwemu w’lmana yarabagendeye nk’uko yaje kuri Eliya akamushoboza gutunga urutoke ivyaha vy’umwami mubi hamwe n’abantu bavuye ku Mana; ntivyari kubashobokera kureka gushikiriza amajambo anengesereye yo muri Bibiliya - inyigisho bari babanje kugonanwa kuba boshikiriza. Bumva bagobererwa kuvugana ishaka ukuri no kumenyesha ingorane zigeramiye abantu. Bashikirije amajambo umwami yabahaye kuvuga badatinya ingaruka bishobora kugira, kandi abantu bagobererwa kwumviriza izo mburi.IB 425.3

    Uko ni ko ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu buzovugwa. Igihe kimaze gushika aho buzovugwa hakoreshejwe ubushobozi bwinshi, Umwami azokoresha abantu basanzwe, arongore ivyiyumviro vy’abo bitangira igikorwa ciwe. Ugusukwa kwa Mpwemu Yera ku bakozi ni vyo bizobahingura babe abakozi babushitse, ntibazohingurwa n’inyigisho z’ubumenyi baronkeye mu bigo vyo kwigisha. Abantu bafise ukwizera kandi basenga bazokwumva bagoberewe gusohoka bafise ishaka ryeranda bashikirize amajambo Imana yabahaye. Ivyaha vya Babuloni bizoshirwa ahagaragara - ingaruka ziteye ubwoba zivuye ku gukoresha igikenye kw’ubutware bw’igihugu mu gusaba yuko ivyo ishengero rikurikije vyubahirizwa, amarorerwa yo kwemera ivyo kuvugana n’abapfuye, iterambere mu buryo budatomoye ariko rinyarutse ry’ubutegtsi bwa Papa - ivyo vyose bizoshirwa ahagaragara. Kubera ko izo mburi zizoshikirizwa icese, abantu benshi bazomera nk’abakanguwe mw’itiro. Abantu ibihumbi n’ibihumbi batarigera bumva amajambo nk’ayo bazotega amatwi, maze batangazwe no kwumva igishingantahe c’uko Babuloni ari ishengero ryaguye kubera amakosa yaryo n’ivyaha, kubera ko ryanse kwakira ukuri ryarungikiwe kuvuye mw’ijuru. Mu gihe abantu batumbera abigisha babo bo hambere barajwe ishinga no kubabaza bati: “Mbega ivyo bivugwa ni uko biri?” Abapasitori bababwira inkuru zo kujajura, bakababwira amajambo y’ubuhanuzi aborohera, kugira ngo babamare ubwoba kandi baremeshe imitimanama yabo yikanguye. Ariko kubera yuko benshi badashimishwa no kunezererwa n’itegeko ryonyene ritanzwe n’umuntu kandi bagasaba yuko hashingwa intahe y’uko “Uku ariko Uhoraho avuga”, abo bapasitori ba rurangiranwa co kimwe n’abafarisayo bo mu gihe co hambere aho, buzuye ishavu kubera yuko ubutegetsi bwabo buzoba bubangamiwe, bazovuga ko ubwo butumwa buvuye kwa Satani kandi bazosunika abantu benshi bamenyereye gukora nabi batuze kandi batoteze ababushikiriza.IB 425.4

    Mu gihe urugamba ruzogenda rutandukira ibindi bice rutari bwageremwo kandi ivyiyumviro vy’abantu bikararikirwa kuzirikana amabwirizwa y’Imana yakandagiwe, Satani na we ntazokwicara. Azokora ku buryo ubushobozi bw’ubutumwa bushikirizwa buzotuma abantu babubonye bashuha imitwe bamere nk’uko basaze. Umuryango w’abasaseredoti uzoshira inguvu hamwe mu buryo budasanzwe kugira ngo bazimye umuco ntumurikire ubusho bwabo. Bakoresheje uburyo bwose bazoshikira, bazogira akigoro ko gukuraho uguharira ku bibazo vy’inkoramutima. Ishengero rizokwitabaza ikigwanisho gikomeye c’ubutegtsi bw’igihugu, kandi muri ico gikorwa, abayoboke ba Papa hamwe n’Abaprotestanti bazokorera hamwe. Mu gihe umurwi ujejwe gushigikira ivy’ukwubahiriza ikiruhuko co ku wa mbere(Dimanche) ugenda urushirizaho gukomera no kwitanga, hazoshingwa itegeko ryo kwankiriza abubahiriza amategeko y’Imana. Bazobatoteza mu kubaca ihadabu hamwe no kubapfunga, bamwe mbere bazoshingwa amabanga ahambaye atuma bagira ubwaku ku bandi, kandi abandi nabo bazohabwa utuganuke n’utundi turusho nk’igipfukamunwa kugira ngo bahakane ukwizera bafise. Ariko bazobishura badahugumba bavuga bati: “Ni mutwereke mukoresheje ijambo ry’Imana aho twoba twarihenze?”- Ico ni naco gisabo Luther yashikirije igihe yari azigirijwe ari mu bibazo bisa nk’ibi. Abazoba bajanywe mu masentare bazoharanira ukuri bivuye inyuma, kandi bamwe mu bazobumviriza bazorongorwa mu kugira intambuko yo guharanira amabwirizwa y’Imana. Uko ni ko umuco uzomurikira abantu ibihumbi ata kundi bari kuzomenya uku kuri.IB 426.1

    Abantu bagamburukira ijambo ry’Imana nk’uko babisabwa n’umutimanama wabo bazobafata nk’abagumutsi. Satani azohuma abavyeyi amaso, bahambarire kandi bananize abana bato bizera; shebuja canke inabuja azototeza umusuku wiwe yubahiriza amabwirizwa y’Imana. Igishika nta kibanza kizoba kigifise mu bantu. Abana bizera bazocibwa mu muryango kandi birukanwe mu rugo. Amajambo ya Paulo azoshitswa nk’uko yanditse ngo : “Mber’abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.”( 2 Timoteyo 3:12) Kubera yuko abashigikira ukuri batazokwemera kwubahiriza ikiruko co ku wa mbere(dimanche), bamwe muri bo bazojanwa mu mabohero, abandi babangaze, abandi nabo babagire abaja. Ubwenge bw’umuntu bushobora kubona ubu ibi bidashoboka; ariko kubera yuko ubushobozi bwa Mpwemu yera buzoba bwakuwe kw’isi, abantu bazoba bagiye musi y’ukuboko kwa Satani adakunda amabwirizwa yimana; hazobaho ibintu bidasanzwe. Umutima w’umuntu utarangwamwo ugutinya Imana n’urukundo ushobora kuba mubi ku buryo busize ubwenge.IB 426.2

    Kubera yuko igihuhusi cegereje, umurwi munini w’abantu berekanye yuko bemera ubutumwa bwa Marayika wa gatatu, ariko bataratunganywa kubwo kutubahiriza ukuri, bazovavanura n’ivyo bahora bemera maze bifatanye n’umurwi wahoze ubarwanya. Mu kwifatanya n’isi hamwe no mugusangira imigambi nayo, bazoba bashitse ahantu babona ibintu hafi co kimwe; kandi igihe bazoshirwa ku rupimo, bazoba biteguye guhitamwo uruhande rworoshe, uruhande rwo kuba rurangiranwa. Abantu b’impano kandi bazi kuvuga, bigeze igihe kimwe no kunezezwa no kumenya ukuri, bazokoresha ubushobozi bwabo mu kubesha no guhubisha abantu. Ni bo bazohinduka abansi ruhebwa b’abavukanyi babo bo hambere. Mu gihe abubahiriza ikiruhuko c’umunsi w'Isabato bazoba barengukijwe ni bo Satani azokwikorako gusumvya abandi mu kubatyoza no mu kubagiriza,kandi kubwo ibirego vy’ibinyoma no kubatetereza, abategetsi bazoharonkera akaryo ko kubajaniranya.IB 427.1

    Muri ico gihe c’agahamo, ukwizera kw’abasuku b’umwami kuzoshirwa ku munzane. Bazoba baratanze imburi mu bwizigirwa, batumbereze amaso yabo ku Mana yonyene no kw’ijambo ryayo. Mpwemu wimana, akorera mu mitima yabo, ni we azoba yabasunitse ngo bavuge. Kubwo kugoberwa n’ishaka ryeranda hamwe n’uburemere bw’ubushobozi bwimana, binjiye mu gikorwa co kurangura amabanga bajejwe batarinze kubanza guharura ingaruka zo kubwira abantu ijambo rimwe azoba yabahaye. Nti bazoba babanje kuraba inyungu bazohakura, canke ngo barondere gukingira ukumenyekana kwabo canke ubuzima bwabo. Ariko igihe igihuhusi co kubarwanya no kubagiriza kizoba kibageramiye; bamwe muri bo kubwo kurengerwa n’ivyago, bazoba biteguye kuba bovuga bati: ” Iyo tumenya hakiri kare ingaruka z’amajambo twashikirije, twari guhagararira amahoro yacu.” Bazoba bakikujwe n’ingorane. Satani azoba yabateje ibigeragezo bikomeye. Igikorwa bazoba baratanguye kizoboneka nk’uko kizoba kibarengeye ku buryo batokirangura. Bazoba bageramiwe n’uko bozimangana. Ishaka bahorana rizoba ryaramaze kwibagirana; ariko ntibizoba bigikunda ko basubira inyuma. Rero kubwo kwiyumvamwo intege nke, bazokwirukira wa Wundi ashobora vyose kugira abahe inkomezi. Baribuka yuko amajambo bavuze atari rwabo, ariko yari ayo Uwatanze imburi. Imana yashize ukuri mu mitima yabo, kandi nta kuntu bari kureka kukuvuga.IB 427.2

    Abantu bimana bo mu bihe vyaheze baraciye mu bihe bigoye nk’ivyo. Wycliffe, Huss, Luther, Tyndale, Baster, Wesley, basaba yuko inyigisho zose zishirwa ku rupimo rwa Bibiliya kandi bongera batangaza yuko biteguye kuzoheba ikintu cose kitemerwa. Agahamo kerekana ishavu risunikwa n’ubugizi bwa nabi karashikiye aba bantu bimana; ariko ntibigeze bahagarika kumenyesha ukuri. Ibiringo bitandukanye vyo muri kahise k’ishengero vyaranzwe kimwe cose n’itsimbatazwa mu buryo ubu canke buriya ry’ukuri kudasanzwe, gufatiye ku bintu abantu bimana bari bakenye muri ico gihe. Ukuri kwose gushasha kwagiye kwicira inzira hagati y’abakwanka n’abakurwanya; ababa bahezagiwe n’umuco wakwo baragerageza kandi bagashirwa ku munzane. Umwami araha abantu biwe ukuri kudasanzwe mu bihe vy’ingorane. Ninde yokwubahuka agahirahira ntakuvuge? Asaba abasuku biwe gushikiriza ubwa nyuma isi ubutumire bw’imbabazi. Ntibashobora kubandanya banumye kireste hamwe boba bagomba gukwegera ubuzima bwabo. Nta kintu na kimwe ivyariho vya kristo bikwiye gutinya gukora kubera ingaruka bizozana. Amabanga bajejwe bakwiriye kuyarangura maze inkurikizi z’ivyo bakoze bakazirekera Imana.IB 427.3

    Kubera ko agatima ko kubarwanya karushirijeho gukomera, abasuku b’Imana bakomeje gusuhuza umutima; bibaza niba ari bo nkwezi y’izo ngorane. Ariko umutimanama wabo hamwe n’ijambo ry’Imana vyabaremesha bibereka yuko igikorwa bariko gitunganye; kandi n’ubwo amakuba yabandanya kwiyongera, barashobozwa kuyihanganira. Umwidogo warushirijeho kwongerekana kandi urabegereza, ariko ukwizera kwabo n’ishaka bari bafise vyiyongera ku rugero rw’ingorane zigenda zibashikira bataziteguriye. Igishingantahe cabo n’iki: “Ntidushobora guhirahira ngo tugwize n’ubusa ijambo ry’Imana; ducemwo ibice ibwirizwa ryayo ritunganye; igice kimwe twerekane ko ari ngirakamaro, ikindi naco ko atari ngirakamaro,kugira ngo isi ishobore kutubona neza. Umwami dukorera ashobora kudukiza. Kristo yaranesheje ubutware bwose bwo kw’isi; kandi isi yamaze kuneshwa ntiyodutera ubwoba?”IB 428.1

    Agahamo mu nzira zose kazozananamwo ni ishigwa mu ngiro ry’umugambi uzokwamaho igihe cose Satani azoba ariho kandi n’ubukristo bukaba bufise ubushobozi buhambaye. Nta muntu n’umwe ashobora gukorera Imana ntihabeho ingabo zo mu mwiza zihaguruka ku murwanya. Abamarayila bacumuye bazomutera, batewe ubwoba n’uko ubwaku bwiwe buriko burabatwara abantu bari barifatiye mu minwe. Abantu babi, amakosa yabo yagaragajwe n’akarorero keza kiwe, bazifatanya n’impwemu mbi kugira ngo bamukure ku Mana, bamugerageje. Ibi batabishitseko, bazoca bishimikiza ubutware bw’igikenye kugira ngo bugobere umutimanama wiwe.IB 428.2

    Ariko rero, igihe cose Yesu azoba agisabira umuntu mw’Ihema ry’ibonaniro ryo mw’ijuru, ubwaku bwa Mpwemu Yera buribonekeza ku batware no ku banyagihugu. Ku rugero rumwe, Mpwemu araciyerekanira ku mategeko y’igihugu. Ayo mategeko iyo aba atariho, ibiringo isi iba irimwo biba bimeze nabi gusumvya ivyo irimwo ubu. Naho benshi mu bategetsi bacu ari abakorera Satani, Imana nayo irafise ariko abayikorera mu bategetsi batwara igihugu. Umwansi iyo asunitse abakozi biwe ngo bashinge amategeko ashobora kwononera igikorwa c’Imana, abatware b’igihugu bo batinya Imana, abamarayika beranda babagirako ubwaku maze bagashobora kwankiriza izo ngingo bakoresheje izindi udashobora kuvuguruza. Uko ni ko abantu bari ku rushi bazohagarika, bakaburizamwo umukuba w’ikibi. Igikorwa c’umwansi w’ukuri ni ico kuburizamwo ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu ngo ntibushike ku ntumbero yabwo. Igihe imburi ya nyuma izoba imaze gutangwa, Izotuma aba bantu b’indongozi Umwami ariko arakoreramwo ubu barushirizaho gutega amatwi; bamwe muri bo bazoyemera, kandi bazohagararana n’ubwoko bw’Imana muri ico kiringo cose c’amakuba.IB 428.3

    Umumarayika azanywe no gushikiriza ubutumwa bugira gatatu yategerezwa kumurikira isi akoresheje icubahiro ciwe. Igikorwa gishika kw’isi yose hamwe n’ubushobozi budasanzwe vyarerekanywe hano. Umurwi w’Abategereje ukugaruka kwa Yesu wo mu myaka ya 1840 - 1844 cari igikorwa gihambaye cerekana ubushobozi bw’Imana; ubutumwa bw’Umumarayika wa mbere bwashikanywe aho hose mw’isi hariho ikigo co kumenyesha inkuru nziza, kandi mu bihugu bimwe hariho ukwitwararika rwose ivy’idini ata hantu na hamwe bari bwigere babibona guhera mu gihe c’Ubugorozi mu kinjana ca 16; ariko ni ibintu bito ubigereranije n’umurwi uhambaye uzoboneka igihe c’imburi ya nyuma y’umumarayika wa gatatu.IB 428.4

    Igikorwa kizoba gifitaniye isano n’ico ku musi wa Pentekote. Nk’uko “Imvura y’agatasi”yatangwa kugira ngo Mpwemu Yera asukwe mu gihe co gutangura ubutumwa, ishobore gutuma urubuto rw’agaciro rumera, rero n’“imvura y’urushana”izotangwa mw’iherezo kugira ngo itume umwimbu uhishira. ” Enda tumenye Uhoraho tugire umwete wo kumumenya; nkuk’umutwenzi ata cowubuza kuza ni ko na we azoza : azotuzako nk’imvura, nk’imvura y’umutasuro inyosheje hasi.” (Hoseya 6: 3) ‘Noneho ni munezerwe yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw’ibahaye imvura y’agatasi ku rugero rukwiye, kukw’ibarekuriye imvura ikabaha iy’agatasi n’iy’urushana.” (Yoweli 2: 23) “Bizoba mu misi y’iherezo ni kw’Imana yagize, kandi nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose.” “Kand’umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.”( Ivyakozwe n’lntumwa 2: 17,21)IB 429.1

    Igikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa ntikizorangira hatabayeho gusukwa kwa Mpwemu Yera nk’uko ubushobozi bwayo bwagaragaye igihe catangura. Ubuhanuzi bwashikijwe mu gihe hasukwa Mpwemu nk’imvura y’agatasi mu ntango yo kuvuga ubutumwa, n’ubu buzokwongera bushitswe mu gusukwa kwayo nk’imvura y’urushana mu guheraheza igikorwa c’ivugabutumwa. Ibi ni vyo “bihe vy’Impemburo” ivyo intumwa Petero yari yiteze aho yavuga ati: “Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana kugira ngo nayo iz’itume Kristo yabatoranirijwe kera, niwe Yesu.” (Ivyakozwe n’intumwa 3:19,20)IB 429.2

    Abasuku b’Imana bafise mu maso hakayangana kubwo ukwitanga kweranda, bazogenda mu bibanza bitandukanye kwamamaza ubutumwa buvuye mw’ijuru. Kubwo amajwi y’abantu ibihumbi, kw’isi yose hazoshikanwa imburi. Ibitangaza bizokorwa, abarwaye bazokira, kandi ibimenyetso n’utwumiza bizokurikira abizera. Satani nawe azokora yisunze utwumiza twogufatira abantu amaboko i mugongo, mbere ashobore no gukorora, imbere y’abantu, umuriro uvuye mw’ijuru. Uko ni ko ababaye kw’isi bazohamagarirwa kugira uruhande bahagazemwo.IB 429.3

    Ubutumwa ntibuzojanwa na cane cane n’ivyiyumviro vyubatse neza kuruta kuba hari ico watahujwe na Mpwemu Yera w’Imana. Ivyiyumviro bizoba vyaramaze gushikirizwa. Imbuto izoba yaramaze guteragirwa, hazoba hasigaye ko imera, igakura maze ikama. Ivyandiko vyakwiragijwe n’abavugabutumwa bakorana ishaka vyaragize ubwaku ku bantu. Ariko abantu benshi bari bafashijwe biciye muri iyo nzira barabujijwe gutahura ukuri mu buryo bwuzuye canke kwererekana ukugamburuka. Noneho imishwarara y’umuco yashitse ahantu hose, ukuri kurabonekera ku mugaragaro, kandi abana b’Imana b’inyankamugayo bikuyeko ingoyi zari zibaboshe. Nta kintu kikiriho co kubafatira yaba ugushikirana kw’imiryango, canke imibano mw’ishengero. Ukuri ni ukw’agaciro kuruta ibindi bintu vyose. N’aho abantu bozoja hamwe kugira ngo bakurwanye, igitigiri kinini kizofata ingingo yo guhagarara mu ruhande rw’UmwamiIB 429.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents