Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 26 - Igikorwa Cubugorozi

    Igikorwa c’ubugorozi ku vy’Isabato kizokorwa mu misi y’iherezo caramenyeshejwe n’umuhanuzi Yesaya: “Uku nik’Uhoraho agize, ati ni mwitondere ibiroranye mukore ivy’ukugororoka: kukw’agakiza kanje kagira gashike, n’ukugororoka kwanje kugira guhishurwe. Hahirwa umuntu akora ivyo n’umwana w’umuntu abibangiriza akaziririza isabato ntayikengere, akarinda ukuboko kwiwe ntigukore icaha na kimwe”.. .’’Kandi n’abanyamahanga bifatanya nanje Uhoraho kugira ngo bankorere, bakunde izina ryanje, babe abasavyi banje, umuntu wese aziririza isabato ntayikengere akabangiriza isezerano ryanje, abo nabo nzobashikana ku musozi wanje wera mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo ; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje : kukw’ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.” (Yesaya 56: 1,2,6,7)IB 321.3

    Aya majambo arajaniranye n’ibiringo vy’ishengero rukristo nk’uko bibonekera muri kino gisomwa “Umwami Mana umwe akoraniriza hamwe abari birukanywe bo mu bisirayeli, aravuze, ati nzokwongera kumukoraniriza abandi, ukuye abiwe bari bamaze gukoranywa” (Yesaya 56: 8). Hano haragereranywa ingene abanyamahanga bazokoranirizwa hamwe n’ubutumwa bwiza. Kandi kuri abo bubahiriza isabato, imigisha barayisezeranirwa. Rero, ico ibwirizwa rya kane risaba gishika kure y’igihe co kubambwa, kuzuka no kuduzwa mw’ijuru kwa Kristo; kiranatandukira ibihe abasuku biwe bazomenyesha amahanga yose inkuru y’ubutumwa bwiza.IB 321.4

    Abicishije kuri uyu muhanuzi nyene Umwami yashinze iri bwirizwa ngo “Andika ivyo washingiye intahe, ubimatanishe ishashara, ubihe abigishwa banje babishire k’umutima” (Yesaya 8:16). Ikidodo c’amabwirizwa yimana kiboneka mw’ibwirizwa rya kane. Iri ryonyene, muri aya cumi yose, ni ryo ryerekana izina hamwe n’amabanga uwushinga amategeko ajejwe. Rivuga ko ari umuremyi w’ijuru n’isi, maze rikerekana gutyo ko akwiye kwunamirwa no gusengwa hejuru y’ibintu vyose. Uretse muri iri bwirizwa rya kane, nta kindi kintu dusanga mu mabwirizwa cumi cerekana uwufise ububasha bwo gutanga itegeko. Igihe isabato yahindurwa n’ububasha bwa papa, ubwo ikidodo cari gikuwe ku mabwirizwa yimana. Abigishwa ba Yesu bahamagarigwa kunagura ico kidodo - mu gusubiza Isabato y’ibwirizwa rya kane ikibanza ikwiriye nk’urwibutso rw’igikorwa co kurema hamwe n’ikimenyetso c’ububasha bwimana.IB 322.1

    “Dusubire ku Vyagezwe no kuri vya bishinga intahe”. Mu gihe inyigisho n’ivyiyumviro bivuguruzanya vyiyongera ku bwinshi, ibwirizwa ryimana ni co cagezwe conyene kidashobora guta umurongo; ni naco rupimo rw’ivyiyumviro, hamwe n’inyigisho vy’abantu. Umuhanuzi avuga ati: ” Ni batavuga ibihwanye navyo bazoba mu bwira ntibuce” (Yesaya 8:20)IB 322.2

    N’ubu nyene, itegeko riratangwa “Semerera cane woye kwigarura; rangurura n’ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.” Isi yacumuye si yo iriko irabarirwa hano; ariko n’abo bose Umwami yita “abantu banje”; abo ni bo bahambarirwa ku bwo ibigabitanyo vyabo. Hamwe n’ivyo arongera akavuga ati: ” Mugabo bandondera uko bukeye, banezererwa kumenya inzira zanje; nk’ihanga ryakora ivy’ukugororoka, ntirireke ivyagezwe vyimana yabo ” (Yesaya 58: 1,2) Aha harerekana abantu barajwe ishinga n’igikorwa c’lmana, ariko uguhambarirwa icese gukomeye kuva kwa wa wundi asoma mu mitima, kwerekana ko bakandagira ivyashinzwe nimana.IB 322.3

    Uku ni ko Uwavugishwa nimana yashize ahabona ibwirizwa ryari ryaribagiranye: “Kand’ahar’imisaka kera hazosubira kwubakwa; bazokwubaka ku matanguriro yariho mu bindi bihe; kand’uzokwitwa uwica ibirengero, n’usibura inzira zija mu ngo. Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera arik’ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubwawe, nturondere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, nuko uzonezerererwa jewe Uhoraho”(Yesaya 58: 12-14) Ubu buhanuzi nabwo nyene burabana n’igihe turimwo. Mu mabwirizwa yimana habonetsemwo igihengeri igihe isabato yahindurwa n’ubushobozi bw’ishengero ryi Roma. Ariko igihe carashitse kugira ngo ico cagezwe c'Imana kinagurwe. Uwo mugaga ukwiriye gusanurwa maze umushinge w’ibihe vya kera ugasubirwamwo.IB 322.4

    Kubwo gushirirwa i ruhande igikorwa ceranda nk’uko Imana ubwayo yabitanzeko akarorero mu kuyiruhuka no mu kuyihezagira, Adamu na Eva bataracumura bararuhutse isabato muri Edeni nyeranda; amaze no kurwa ariko yihanye, hamwe yakurwa mu kibanza yari ahimbariwemwo, yarongeye arayiruhuka. Abakurambere bose barayitondeye kuva kuri Abeli gushika kuri Nowa w’umugororotsi, kuri Aburahamu, kuri Yakobo. Igihe ubwoko bwatoranijwe bwari muri Egiputa mu buja, benshi hagati y’ibigirwamana vyahaboneka ku bwinshi, baratakaje ubumenyi bw’amabwirizwa y’Imana. Ariko aho Umwami yacungura Isirayeli, yaramenyesheje icese mu cubahiro cinshi ko bakwiriye kumenya ubugombe bwiwe, bakamwubaha kandi bakamugamburukira ibihe vyose.IB 322.5

    Kuva ico gihe gushika kuri iyi tariki, ubumenyi bw’amabwirizwa y’Imana bwaritwararitswe kw’isi kandi isabato nk’uko iboneka mw’ibwirizwa rya kane irubahirizwa. N’ubwo wa “muntu w’ikibi” yashoboye guhonyanga umusi wera w’Imana, ariko no mu gihe ububasha bwiwe bwari rurangiranwa isabato yakomeje kwubahirizwa n’abantu b’inyankamugayo bari babayeho mu bibanza bitamenyekana rwose. Kuva mu gihe c’ubugorozi, mu runganwe rwose, harabayeho abantu bayubahiriza. N’ubwo kenshi wasanga ari hagati yo gukengerwa no guhamwa, igishingantahe camaho cakomeje gutangwa kugira ngo abantu bamenye ko ibwirizwa ry’Imana ridahinduka kandi ko turarikirwa kwubahiriza isabato yera yo rwibutso rw’igikorwa co kurema.IB 323.1

    Uku kuri nk’uko kwashikirijwe mu Vyahishuriwe Yohana 14 hamwe n’isano gufitaniye “n’ubutumwa bwiza butazoshira ” kuzotandukanya ishengero rya Kristo mu gihe co kugaruka kwiwe. Kuko inkurikizi imenyeshwa y’ubwo butumwa bwashikirijwe n’abamarayika batatu ni iyi: “Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’lmana no kwizera Yesu” (Ivyahishuriwe Yohana 14:12). Kandi ubu nibwo butumwa bwa nyuma imbere yuko Umwami agaruka. Inyuma y’ukwamamaza ubwo butumwa, uwavugishwa n’lmana yabonye umwana w’umuntu azananye n’icubahiro kwegeranya umwimbu wo kw’isi.IB 323.2

    Abantu bose baronse umuco werekeranye n’lhema ryera hamwe n’ukudahugumba kw’amabwirizwa y’Imana bari buzuye umunezero n’ugutangara mu gihe babona ubwiza n’ingene ibintu bitunganijwe, vyatumye ukuri kuroranirwa maze baratahura gusumvya. Bipfuza ko uwo muco w’agaciro wabamurikiye woshikira abakristo bose; kandi nta kindi kintu bari gushobora kwiyumvira uretse ko abakristo bazowakirana umunezero. Ariko rero ukuri kwabashira ahantu baboneka ko batandukanye n’isi ntikwahabwa ikaze na benshi mu bavuga ko bakurikira Kristo. Ukwubahiriza ibwirizwa rya kane bisaba akigoro kananiye benshi maze basubira inyuma.IB 323.3

    Mu gihe ibisabwa kwubahirizwa ku musi w’isabato vyaba biriko birashikirizwa, abantu benshi bariyumviriye ariko benshi buririye ku kuntu isi ifata ibintu. Bavuga bati: “Imisi yose twaruhutse ku musi w’ “iyinga”, abavyeyi bacu ni wo baruhukako kandi abantu benshi b’intore kandi bakunda Imana bamaze gupta ni wo baruhukako. Nimba bari mu kuri, natwe ni kwo turimwo; ukwubahiriza bushasha iyi sabato bizodutandukanya n’isi kandi ntituzoba tugifise ubwaku kuri yo. Mbega ico kintu abantu bari ku rushi bubahiriza umusi ugira indwi bizeye gushikako gitandukanye n’ico abantu bose baruhuka kw’iyinga boshikako ni igiki? Ivyiyumviro nk’ibi ni vyo abayuda bashize imbere kugira ngo bahakane Kristo. Abababoneye izuba bamye bemerwa n’lmana mu gutanga amashikanwa y’ibimazi, none kuki abana babo batabandanya batanga ishikanwa nk’iryo kugira ngo bakizwe? Rero mu gihe ca Luther, abemera ubupapa biyumvira ko abakristo b’ukuri bapfuye bafise ukwizera kw’abakatolika; rero ivyo birakwiye kuba muri iryo dini kugira ngo uronke agakiza - ukwiyumvira nk’ukwo kwerekana koko uruzitiro rubuza iterambere mu kwizera canke mu bindi bikorwa.IB 323.4

    Benshi bashira imbere iciyumviro c’uko ukuruhuka ku musi wa mbere w’imisi ndwi ari inyigisho yatsimbatajwe kandi ari n’umugenzo usanzwe abantu hose mw’ishengero kuva ku binjana vyinshi. Iki ciyumviro nta buremere cari gifise imbere y’iciyumviro c’uko Isabato hamwe no kuyubahiriza vyamyeho kuva kera kandi ahantu hose, ko bimaze igihe isi ubwayo imaze kandi ko bishigikiwe n’Imana hamwe n’abamarayika. Igihe amatanguriro y’isi yashirwaho, igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zaririmbira hamwe, n’abana b’Imana bose bagasasiriza impundu, aho ni ho amatanguriro y’Isabato yashirwaho. Ni ikintu gikwiriye ko dusabwa kwubahiriza isabato; itashizweho n’ubushobozi bw’umuntu kandi idashingiye ku migenzo y’abantu; yashinzwe na wa wundi wa mbere na mbere kandi igenwa n’ijambo ryiwe ryamaho.IB 324.1

    Kubera ko abantu bahamgarirwa kuzirikana kwinagura mu kwubahiriza isabato, abapasitori rurangiranwa baragoretse ijambo ry’Imana, mu gutanga insiguro y’isabato ihwamika ivyiyumviro vy’abantu. Kandi abadashobora kwisomera ivyanditswe bashimishwa no kwakira ivyo bababwiye bijanye n’ivyo bipfuza. Ku bwo ivyiyumviro, ivyemezo, imigenzo y’abakurambere, hamwe n’ubushobozi bw’ishengero, abantu baragerageje gufurira ukuri. Abaguhagararira bishimikiza Bibiliya zabo kugira ngo berekane ko ibwirizwa rya kane rigifise agaciro. Abantu baciye bugufi, ata kindi kirwanisho bafise uretse ijambo ry’ukuri ryonyene, barahuye bongera bagwana n’ibitero vy’abahinga mu bumenyi bahavuye batangura mbere batsindwa n’agashavu, bamaze kubona ko ukumenya kwabo gushikiriza neza ivyiyumviro vyubakitse ata gaciro gufise imbere y’ukwiyumvira guciriye bugufi ariko gutumbereye kw’abantu bari bakengereye ivyanditswe gusumvya ugucakura kwo mu mashure.IB 324.2

    Kubera ko batari bafise igishingantahe co muri Bibiliya kibashigikira, benshi bananiwe kuva kw’izima- bibagira ko ibintu nk’ivyo vyigeze gushikira Kristo n’intumwa ziwe babandanya kubaza bati : “Ni kuki abantu bacu bahambaye batatahuye iki kibazo c’isabato? Abantu bake gusa ni bo bizera nka mwebwe. Ntibishoboka ko mushobora kuba muri mu kuri maze ngo abantu bose baminuje mu bumenyi kuri iyi si babe mu kinyoma.”IB 324.3

    lcari gikenewe conyene mu gushira hasi iciyumviro nk’ico kwari ugusoma Ivyanditswe n’ukumenyekanisha inkuru z’Umwami ingene yakoranye n’abantu b’urunganwe rwose. Imana ikorera mu bantu bumva kandi bakitondera ijwi ryiwe, abantu bazokenera, bibaye ngombwa, kuvuga ukuri kubuza amahoro abakwumviriza, abantu badatinya gutunga urutoke ivyaha abantu bamenyereye gukora icese. Igituma Imana kenshi idatoranya abantu b’abanyabwenge kandi bo mu nzego zo hejuru ngo babe ari bo baja imbere mu gikorwa co kwinagura ni uko usanga bashira imbere ingingo zabo ngenderwako, inyigisho hamwe n’ukuntu ivy’iyobokamana biringanijwe, bakerekana ko badakeneye kwigishwa n’Imana. Abantu bonyene bafise ukuntu bashikirana n’isoko y’ubwenge ni bo bashobora gutahura canke gusigura Ivyanditswe. Abantu bafise ubumenyi buke bw’ivyo bize mw’ishure barahamagarwa rimwe na rimwe kwamamaza ukuri, atari uko abantu batizeye, ariko ari uko batiraba nk’abikwije ku buryo batoreka Imana ngo ibigishe. Bigira mw’ishure rya Kristo, kandi ikibagira abantu bahambaye ni uguca bugufi hamwe n’ukwubaha. Mu kubaragiza ukuri kwayo, Imana ibatera iteka, ataho risaniye n’ivyubahiro vyo mw’isi canke ugukuzwa kuvuye ku bana b’abantu.IB 324.4

    Abantu benshi mu bari bategereje ukugaruka kwa Yesu baranse kwemera ukuri kwerekeranye nihema ryera hamwe hamwe n’amabwirizwa yimana; kandi n’abandi benshi barahororokewe mu kwizera bari bafise mu nyigisho zijanye n’ukugarukaa kwa Yesu maze batangura kwemera ivyiyumviro bidatomoye kandi vyivuguruza vy’ubuhanuzi bitirira ico gikorwa. Bamwe baguye mu mutego wo kwama bagenye itariki ntarengwa y’igihe Yesu azogarukirako. Umuco wariko umurikira inyigisho ijanye n’ihema ryera wari kuba waraberetse ko ata kiringo c’ubuhanuzi cerekana umusi nyezina Yesu azogarukirako ; iryo genekerezo ryo kugaruka kwiwe ubuhanuzi si bwo bwarimenyesheje imbere y’igihe. Ariko kubera ko bikuye ku muco, bakomeje kumenyesha amagenekerezo agenda akurakuranwa Umwami azogarukirako; ivyo vyatumye bama baguye kenshi mu gahundwe.IB 325.1

    Igihe abantu b’i Tesalonike baronkeye inyigisho atari zo zerekeranye n’ukugaruka kwa kristo, intumwa Paulo yabahanuye gushira ivyizigiro n’ivyipfuzo vyabo ku rupimo rw’ijambo ryimana. Yabibukije ubuhanuzi bwerekana ibintu bizoshika imbere y’uko Kristo azoba agarutse, maze abereka ko ata rufatiro bafise bokwuririrako ngo bamwitege mu gihe bigeneye.”Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe” (2 Abi Tesalonike 2:3”, ni yo majambo y’imburi yababwiye. Mu kwubaka ku vyiyumviro bidashingiye ku Vyanditswe, bari bageramiwe no kuba bohusha inzira nziza; ukugwa mu gahundwe kwabo kwatuma banebagurwa n’abatizera; maze baba bageramiwe no guhora bacika intege kandi bagakwegwakwegwa no gukekeranya ukuri kubafitiye akamaro ku bijanye n’agakiza. Impanuro Paulo yatekereye abi Tesalonike irimwo icigwa gihambaye ku bantu babayeho mu misi y’iherezo. Abantu benshi mu bategereje ukugaruka kwa Yesu biyumviriye yuko hamwe ukwizera kwabo kutokwuririra kw’igenekerezo rizwi ry’umusi umwami azogarukirako, ntiboshobora kugira ishaka n’ubukerebutsi mu gikorwa c’ukwitegura. Ariko kubera yuko ivyizigiro vyabo bama babivyuye, kugira ngo gusa vyonyene bisambuke, ukwizera kwabo kwarakomeretse ku buryo bitabaye bigishoboka kuri bo gukorwako n’ukuri guhambaye kw’ubuhanuzi.IB 325.2

    Insiguro yerekana igihe c’amateka, mu butumwa bwatanzwe n’umumarayika wa mbere, yari yategetswe nimana. Uguharura ibiringo vy’ubuhanuzi ubwo butumwa bwari bushingiyeko, ukwerekana ko imisi 2300 yaherana n’agatasi ko mu mwaka w’1844, cari ikintu kidasubirwako. Ukwama bagize utwigoro two kurondera amagenekerezo mashasha ibiringo vy’ubuhanuzi bitangurirako kandi bigahererako , kandi ukuremesha ivyiyumviro bidatomoye vyo gushigikira izo ndabo; ntivyatumye abantu bahushana n’ukuri, ahubwo vyatumye habaho n’impari ku twigoro twose dukorwa kugira ngo ubuhanuzi busobanurwe. Uko hama kenshi hagenywe igenekerezo ry’ukugaruka kw’Umwami, uko iryo genekerezo rirushirizaho kumenyeshwa hirya no hino, ni bwo buryo bwiza Satani aba ariko arashira mu ngiro intumbero ziwe. Igihe kimaze kurengana ivyavuzwe bidashitse, atuma habaho ukumaramara hamwe n’impari ku bishigikira ayo magenekerezo, kandi muri ubwo buryo agatuma igikorwa gihambaye co mu myaka ya 1843 na 1844 gikengerwa. Abadashaka kwumvira iryo kosa bazoshika aho umusi umwe igenekerezo ryo kugaruka kwa Yesu barishira kure cane muri kazoza. Ivyo bizobatera kubona ko babayeho batekaniwe ariko azoba ari umutekano udashitse, kandi benshi bazoza kubona ko bihenze bitagishoboka ko bigarura.IB 325.3

    Kahise ka Isirayeli yo hambere ni akarorero udashobora guca i ruhande gafitaniye isano n’ibihe abari bategereje ukugaruka kwa Kristo baciyemwo. Imana yarongoye abantu bayo mu gikorwa co kwamamaza ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu nk'uko yarongoye ubwoko bwayo ibukura muri Egiputa. Bashitse mu bihe bikomeye bakihebura, ukwizera kwabo kwarashizwe ku rupimo nk’uko vyashikiye Abaheburayo bageze ku kiyaga gitukura. Iyo babandanya bizera ukuboko kubarongora kwabanye nabo mu bihe bigoye bari baciyemwo, bari kubona agakiza k’Imana. Iyo abantu bose bakoze bashize hamwe mu mwaka w’ 1844 baba bakiriye ubutumwa bw'umumarayika wa gatatu kandi bakabwamamaza mu bushobozi bwa Mpwemu yera, Imana yari gukora ibihambaye ku bwo utwigoro twabo. Umwuzure w’umuco wari kuba waramurikiye isi. Mu myaka yamaze kurengana, ababa kw’isi baba bararonse imburi, igikorwa kirangiza cari guherahezwa kandi Kristo yari kuba yaraje gucungura abantu biwe.IB 326.1

    Ntibwari ubugombe bw’Imana ko Isirayeli imara imyaka mirongo ine iyererra mu bugaragwa; yipfuza ko ibarongora ataho barinze guca ikabajana mu gihugu c’l Kanani kandi banezerewe. Ariko “Ntibashoboye kubushikamwo, kuko batizeye.”( Abaheburayo 3: 19) Kubera ugusubira inyuma kwabo hamwe no guhakana ivy’Imana, bahereye mu bugaragwa, kandi abandi barahagurukijwe kugira binjire mu gihugu c’isezerano. Ni muri ubwo buryo nyene atari ubugombe bw’Imana ko ukugaruka kwa Kristo guteba cane kandi ngo abantu biwe bamare imyaka myinshi muri iyi si y’icaha n’agahinda. Ariko ukutizera ni kwo kwabatandukanije n’Imana. Ku bwo kureka kurangura igikorwa yabashinze, yaciye ihagurutsa abandi kugira ngo bamamaze ubutumwa. Ku bwo kugirira isi impuhwe, Yesu yabaye aratebaganye kuza kugira ngo abanyavyaha bashobore kuronka akaryo ko kwumva imburi maze baronke muri we ubwugamo imbere yuko uburake bw’Imana busukwa kw’isi.IB 326.2

    Rero nk’uko vyagenze mu bihe vya mbere, ugushikiriza ukuri kudoma urutoke ku makosa no ku vyaha vy’iki gihe tugezemwo bizokwega urwanko . “Kuk’ukora ibibi wese yanka umuco kandi ntaza ku muco, kugira ng’ibikorwa vyiwe ntibihanwe”. (Yohana 3: 20) Kubera ko abantu babona yuko badashobora kuronka mu Vyanditswe ibishigikira ivyiyumviro bubatseko, benshi bahisemwo kuguma babitsimbatayeko ata bwoba bafise, ku ngaruka zobashikira; kandi basunitswe n’agatima k’ikibi, barasotora ukumenyekana hamwe n’ivyipfuzo vy’abantu bahagarara bagashingira intahe ukuri kudakundwa n’abantu benshi. Uko ni ko vyamye bigenda mu myaka yose. Eliya yagirijwe ko ariwe yateye amagorwa Abisirayeli; Yeremiya yagirijwe ko ari umumenabanga, Paulo yagirijwe ko ahumanya urusengero. Guhera ico gihe gushika uyu musi, abo bose bashoboye kugamburukira ukuri bagirijwe ko bagumura abandi, ko bafise inyigisho z’ivyaduka canke zituma abantu bicamwo ibice. Abantu isinzi batemera ijambo ry’ubuhanuzi bazokwemera bahumirije ivyo abantu bagize akamenyero. Kandi Bibiliya yigisha ku buryo bwuzuye ko igihe kiriko kiregereza aho amategeko y’ibihugu azoca kubiri n’amategeko y’Imana ku buryo uwo wese azokwubahiriza amabwirizwa y’Imana azoshikirwa no gutukwa hamwe n’ibihano nk’inkozi y’ikibi.IB 326.3

    Imbere y’ibintu nk’ibi, ico intumwa y’ukuri ijejwe gukora ni iki? Mbega yofata ingingo yuko ukuri kudakwiriye gushikirizwa kubera yuko kenshi, ubwaku bwakwo ari ubwo gukabura abantu bigatuma bohakana canke batitura ico gusaba? Oya namba; nta mpamvu n’imwe afise yo kunyegeza ugushinga intahe kw’ijambo ry’Imana, ngo ni uko bituma habaho abarirwanya, nk’uko abagorozi bo hambere babikoze. Ukwemangira ukwizera kw’aberanda n'abamaratiri kwarashinguwe mu vyandiko ku neza y’urunganwe rwakurikiye. Ubwo burorero ntabanduka bw’ubweranda no gushimika mu kuba inyankamugayo twabuhawe kugira ngo buremeshe abahamagarwa ubu guhagarara bashingira Imana intahe. Baronswa ubuntu n’ukuri, atari ku neza yabo bonyene, ariko kugira ngo biciye kuri bo, ukumenya Imana bishobore kumurikira isi. Mbega Imana yoba yarahaye umuco abasuku bayo muri kino gihe? Rero bakwiriye kuwureka ukamurikira isi.IB 327.1

    Hambere aho Umwami yabwiye umwe mu bavuga mw’izina ryiwe : “Arikw’inzu ya Isirayeli ntizokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira:“(Ezekiyeli 3:7) Ariko nubwo bimeze uko arongera akavuga ati: “Nuk’uz’ubabarire amajambo yanje, bovyumva batovyumva.”(Ezekiyeli 2: 7) Ibi ni vyo Imana itegeka umusuku wayo muri kino gihe: ‘Terera ijwi ryawe hejuru nk’umuntu ariko aravuza inzamba, kandi wereke ubwoko bwanje ibigabitanyo vyabwo, inzu ya Yakobo uyereke ivyaha vyayo.”IB 327.2

    Aho hose umuntu ashobora kuronka akaryo, uwo wese yaronse umuco w’ukuri, nawe ari musi y’ibanga riteye ubwoba kandi ategerezwa kurangura icese nk’uko abahanuzi ba Isirayeli bari bameze, abo ijambo ry’Umwami ryama ryajeko maze bakavuga bati: “Nuko nawe mwana w’umuntu, nagushizeho kubera ab’inzu ya isirayeli inderetsi; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubanshikiririze imburi. Ninabarira umunyavyaha nti ewe wa munyavyaha ntuzobura gupfa; nawe ntugire ico uvuga co kuburira umunyavyaha ngo ave mu ngeso ziwe: uwo munyavyaha azopfira mu bigabitanyo vyiwe arik’amaraso yiwe nzoyakuronderako. Yamara niwaburira umunyavyaha ivy’ingeso ziwe ngw’ahindukire azivemwo, nawe ntahindukire ngw’azivemwo; azopfira mu bigabitanyo vyiwe ariko weho uzoba ukijije ubugingo bwawe.”( Ezekiyeli 33: 7-9)IB 327.3

    Intambamyi nyamukuru ituma ukuri batakwemera canke ngo bakwamamaze ni uko gutuma habaho agahamo hamwe n’ubumaramare. Iki nico kintu conyene gihushanije n’ukuri kidashobora kubeshuzwa n’abagishigikiye. Ariko kandi ico ntigica intege abayoboke nyezina ba Kristo. Aba ntibabanza kurindira ngo ukuri kwemerwe n’abantu bose. Kubera ko bazi neza ko amabanga bajejwe, bahitamwo batagonanwa kwemera umusaraba, maze bifatanije n’intumwa Paulo bagaharura ko “Amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubwiza buremereye bw’ibihe bidashira. (2Ab’ikorinto 4: 17), hamwe n’umuhanuzi wa kera ko “gucokoranwa na Kristo ar’ubutunzi burengeye itunga ryo muri Egiputa.”( Abaheburayo 11: 26)IB 327.4

    Uko baba berekana kwose ukwemera kwabo, abantu mu bintu vy’Imana usanga barongowe no kwigengesera aho kugengwa n’ingingo ntabanduka zo mu vyanditswe vyera, ni ba ntambirikije. Ukuri dutegerezwa kuguhitamwo kubera ko ari ukuri maze tukareka Imana ikitwararika ingaruka z’ico tuba twahisemwo. Ku bantu bisunga ingingo, ukwizera hamwe n’ishaka, isi ibafise idem ku bwo ubugorozi batanguje. Abantu nk’abo ni bo bazoteza imbere igikorwa c’ubugorozi muri kino gihe. Uku ni ko Umwami avuze: “Ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ugucokora kwabo. Kukw’inyenzi zizobarya nk’umwambaro n’ifukunyi izobarya nk’ubwoya bw’intama: arik’ukugororoka kwanje kuzokwamah’ibihe bidashira, n’agakiza kanje uk’urunganwe ruzogenda rukurikirana.” (Yesaya 51: 7, 8)IB 327.5

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents