Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 32 - Imitegoya Satani

    Intambara ihambaye hagati ya Kristo na Satani, imaze hafi imyaka ibihumbi bitandatu, igiye kurangira; kandi umubi yongereje inguvu zo gukora kugira ngo aburizemwo igikorwa ca Kristo arangura ku neza y’umuntu maze akwegere vuba na vuba abantu mu mitego yiwe. Arondera kugumiza abantu mu mwiza no mu kutihana gushika aho igikorwa ca Kristo co kudusabira kizoba kirangiye ; ata kimazi gitangirwa icaha kizoba kikiriho, iyo niyo ntumbero yipfuza gushikako.IB 366.1

    Iyo ata kigoro kadasanzwe umuntu agize kugira ngo ahangane n’ubushobozi bwiwe, iyo haba mw’ishengero canke mw’isi hariho ukwitwararika gukeya, Satani ivyo ntibimuraza ishinga; kubera ko ataba ageramiwe no kuba yotakaza abo yamaze kwigarurira, akagira imbohe zigendera ku gushaka kwiwe. Ariko iyo hariho ukwitwararika ibintu vyamaho, maze abantu ugasanga bam a babajije bati: « Nokora iki kugira ngo nkire ? »; Satani aba ashizwe hasi, arondera ukuntu yokwihanga ubushobozi bwa Kristo hamwe no kuburizamwo ubwaku bwa Mpwemu yera.IB 366.2

    Ivyanditswe vyera bivuga ko igihe kimwe, igihe abamarayika b’Imana baje gushengerera Umwami, Satani nawe akazanana nabo, ataje gukubita inkoro hasi imbere y’Umwami yamaho ahubwo yazanywe no guhingura gusumvya imigambi yiwe y’ikibi afitiye abagororotsi. Iyo ntumbero ni yo yama afise iyo ari hagati mw’ ikoraniro ry’abantu baja gusenga Imana. Nubwo abantu baba batariko bamubonesha amaso, we aba ariko arakorana inguvu zose kugira ngo yigarurire ivyiyumviro vy’abaje gusenga. Akora nk’umugabo w’ingabo aciye ubwenge yamana imbere y’amaso yiwe imigambi yo kwisunga. Mu gihe abona intumwa y’lmana iriko irarondera mu Vyanditswe, aca yandika icigwa kiri bushikirizwe abantu. Rero akoresha ubuhinga bwiwe bwose n’uburyarya kugira ngo arabe uko yokwitambika hagati kugira ngo ubwo butumwa ntibushobore gushikira abo ariko agerageza guhenda ngo abakure kuri iyo nyigisho iba iriko iratangwa - umuntu yari akeneye gusumvya abandi imburi usanga yamukwegeye mu bikorwa bimwe biboneka ko vyihutirwa canke hakoreshejwe ubundi buryo ugasanga yabuze umwanya wo kwumviriza amajambo yari gushobora kumubera « akanovera k’ubuzima gashikana ku buzima ».IB 366.3

    Ikindi kandi Satani arabona ingene abasuku b’Umwami bafise umutwaro wo kubona umwiza mu vya Mpwemu utwikiriye abantu. Arumviriza ukuntu basenga bashimitse basaba ubuntu n’ubushobozi vy’Imana kugira ngo bisambagure agatima ko kugira umwitwarariko muke, gufata ibintu minenegwe hamwe no kurera amaboko. Aca rero yongereza ishaka mu gukoresha ubuhinga bwiwe. Aragerageza abantu ngo bareke kwigerera mu vyo bafungura, canke mu buryo bumwe canke ubundi agatuma biha ikibanza c’imbere, gutyo rero ntibibe bigishoboka ko hagira ikibaraza ishinga ku buryo bibananira kwumviriza ibintu nyene baba bipfuza kwiga kurusha ibindi.IB 366.4

    Satani arazi ko abantu bose ashobora guhimiriza bagafata minenegwe amasengesho hamwe no gusoma Ivyanditswe, bazoshikirwa n’ibitero vyiwe. Rero, aragerageza kurondera igikoresho cose gishoboka yokwifashisha mu gusamaza ivyiyumviro vy’abantu. Igihe cose harabayeho umurwi w’abantu werekana ko bakunda Imana, ariko aho gukurikira ngo bamenye ukuri, idini yabo bayikoresha mu kurondera agakosa kose gashobora kuboneka muri kamere y’umuntu canke mu kwizera kw’abo badahuza. Abo ni bo bikoresho vy’ukuboko kw’i buryo kwa Satani, bamufasha. Abarezi ba bene data si imparurwa, kandi bama igihe cose ku gikorwa igihe Imana nayo nyene iba iriko irakora, kandi n’abasuku bayo bakaba bariko bayihesha icubahiro c’ukuri. Bazokwankiriza amajambo n’ibikorwa vy’abo bose bakunda kandi bakagamburukira ukuri. Abakozi ba Kristo barangwa n’umwitwarariko mwinshi, ishaka hamwe n’ukwiyibagira babagiriza ko bazimiza canke ko bariko bazimiza abakozi bimana babushitse. Igikorwa cabo ni ico kwerekana ukutari ko impamvu zituma habaho ikintu cose c’ukuri kandi c’iteka, gukwiragiza ivyiyumviro bituma abantu biyumvira ukundi hamwe no gutera abantu batarakomera ugukekeranya. Mu buryo bwose buboneka barondera ingene ibintu bitunganye kandi bidahumanye vyoboneka nk’uko vyoba ari ubusazi n’ikinyoma.IB 366.5

    Ariko rero nta muntu n’umwe yari akwiriye kubihendako. Ni ikintu coroshe kubona uwo babereye abana uwo ari we ; uwo bakuyeko akarorero uwo ari we, n’igikorwa bakora ico ari co. « Muzobamenyera ku vyo bama» (Matayo 7:16) Bakora nk’uko Satani, umurezi w’abantu karuhariwe, akora : «Umurezi wa bene Data. »(Ivyahishuriwe Yohana 12 ; 10)IB 367.1

    Umwagirizi ahambaye afise abamukorera benshi biteguye kwerekana ikosa uko riri kwose, n’iryari ryo ryose, kugira ngo batege abantu - inyigisho zitari zo zateguwe kugira ngo zishimishe ubushobozi n’ivyipfuzo bitandukanye vy’abantu agendereye guhonya. Afise umugambi wo kwinjiza mw’ishengero ibintu bidatomoye, bidatyoroye, bituma habaho ugukekeranya n’ukutizera kandi akazibira uwo wese yipfuza kubona igikorwa cimana gitera imbere kandi agaterana imbera na co. Abantu benshi batizera Imana vy’ukuri canke amajambo yayo, baremera ingingo zimwe z’ukuri maze bakaboneka nk’abakristo; gutyo bashobora kwinjiza amakosa yabo bakayafata nk’inyigisho zi vyanditswe.IB 367.2

    Imvugo y’uko ivyo umuntu wese yemera ata nkurikizi bifise ni imwe muzo Satani ahendesha abantu, akabishikako. Arazi ko ukuri umuntu aronse agukunze guhumanura umutima wiwe; ivyo rero bimutera kwumva arondera gukaba ukuri n’inyigisho zipfuye, imigani, ubutumwa atari bwo - uhereye mbere na mbere, abakozi bimana barahanganye n’abigisha b’ibinyoma, atari uko ari abantu b’abagizi ba nabi vyonyene, ahubwo ari uko ari abinjiza ibinyoma bikwegera umuntu mu kaga. Eliya, Yeremiya, Paulo bashikamye kandi bashize amanga, barahanganye n’abarondera gukura abantu kw’ijambo ryimana - ukureka abantu ntibagire agaciro baha ukwizera nyakuri mw’idini ntibishigikiwe n’abo beranda bashingiye ukuri intahe.IB 367.3

    Gusigura ijambo ryimana mu buryo butaroranye wiyorohereza, hamwe n’inyigisho nyinshi zivuguruzanya zerekeranye n’ukwizera kw’idini, biboneka hagati mu bizera, ni igikorwa c’umurwanizi ahambaye yipfuza ko ivyiyumviro vy’umuntu birengerwa maze ntashobore gutandukanya neza ukuri n’ikinyoma. Kandi ukutumvikana n’ukwicamwo ibice biboneka hagati y’amashengero rukristo ahanini vyubakiye ku mugenzo uharawe wo guhonyanga Ivyanditswe, kugira ngo ushobore kuba woronka ukuntu usobanura inyigisho uba wipfuza. Aho kwiga ijambo ry’Imana mu bwitonzi no mu kwicisha bugufi mu mutima kugira ngo umenye ugushaka kw’Imana, benshi baronderamwo gusa ibintu bitagira umutwe n’amaguru, bidasanzwe.IB 367.4

    Mu ntumbero yo gushigikira inyigisho zitari zo hamwe n’imigenzo atari rukristo, bamwe usanga bishimikiza ibisomwa vy’Ivyanditswe bateruye uko, bakabikura mu bindi bisomwa rusangi bibikikuje. Hari igihe bakorera ku gice c’umurongo runaka kugira bashigikire ingingo baba bipfuza kwigisha, mu gihe igice c’uwo murongo kiba gisigaye kiba cerekana iciyumviro gitandukanye n’ico baba bariko bashikiriza. Bisunga uburyarya nka bumwe bwa ya nzoka, bakinyegeza inyuma y’imvugo zidashitse zerekana ahubwo ingene bashira imbere ivyipfuzo vyabo vy’umubiri. Uko ni ko usanga abantu benshi bahonyanze nkana ijambo ry’Imana. Abandi nabo usanga biyumvira cane, bishimikiza imvugo ngereranyo n’ibimenyetso biboneka mu Vyanditswe vyera, bakabiha inyigisho zihwanye n’ibibanezera ; ntibahe agaciro kanini yuko Ivyanditswe vyera bifise ukuntu vyonyene vyisigura; hanyuma rero bagafata ivyo bama barose canke biyumviriye nk’inyigisho za Bibiliya.IB 368.1

    Igihe cose abantu batanguye gusoma Ivyanditswe, bakavyiga, batabanje gusenga, ngo bace bugufi barangwe n’agatima ko kwiga, ibice vyoroshe ariko biringaniye mbere hamwe n’ibice bigoye ntibizohabwa insiguro nyayo biberanye. Abarongozi b’ubupapa baratororokanije ibisomwa nk’ivyo mu Vyanditswe kugira ngo bavyubakireko mu kwishigikira mu ntumbero zabo, babisigure nk’uko bavyipfuza hanyuma babishikirize abantu mu gihe bababuza kugira agateka ko kwiga Bibiliya no gutahura ukuri kweranda ishikiriza. Bibiliya ikwiriye guhabwa abantu itagabanijwe, nk’uko iri. Icobabera ciza ni uko batogira Bibiliya aho kugira inyigisho z’ivyanditswe zoba muri rusangi zasiguwe ukutari kwo!IB 368.2

    Bibiliya yategekanijwe kubera umurinzi abo bose bipfuza kwimenyereza ubugombe bw’Umuremyi wabo. Imana yahaye abantu ijambo ritomoye ry’ubuhanuzi; abamarayika mbere na Kristo we ubwiwe baraje kugira ngo bamenyeshe Yohana na Daniyeli ibintu vyari gushika bidatevye. Ibi bintu bihambaye vyerekeranye n’agakiza kacu ntivyagumye ari ibanga. Nta n’ubwo vyashizwe ahabona mu buryo bwo gutera amadidane canke kuzimiza uwo wese aronderana ukuri ishaka. Uku ni ko Umwami avuga abicishije k’uwo yavugisha Habakuki : « Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ubisoma anyarutse. » (Habakuki 2 :2) Ijambo ry’Imana riraringaniye kuri abo bose barisoma bafise umutima usenga. Umuntu wese adakorera mu buryarya azoshikira umuco w’ukuri: « Umuco urasira umugororotsi.»(Zaburi 37 :11) Kandi nta shengero na rimwe rishobora gutera imbere mu bweranda mu gihe abayoboke baryo batari ko barondera bashimitse kumenya ukuri nk’ubutunzi bunyegejwe buronderwa.IB 368.3

    Kubwo kwama baririmvye « umwidegemvyo », abantu barafatwa n’uruhumyi ntibabone imitego y’umwansi wabo atigera akubita urugohe, kuko igihe cose akora yivuye inyuma ngo ashike ku migambi yashinze. Iyo ashoboye gukaba Bibiliya n’ivyiyumviro vy’abantu, amabwirizwa y’lmana aca ashirwa ku ruhande, kandi amashengero aca aja mu buja bw’icaha mu gihe yama yasavye kuronka umwidegemvyo. Kuri benshi, ubushakashatsi mu vyo ubuhinga n’ubumenyi vyababereye umuvumo. Imana yararetse umwuzure w’umuco urasukwa kw’isi mu kuvumbura ibintu mu buhinga no mu bumenyi. Ariko rero, umuntu naho yoba afise ivyiyumviro bihambaye, igihe muri ubwo bushakashatsi atoba arongowe n’lmana, aca atakara mu gihe arondera kwerekana isano hagati y’ubumenyi hamwe n’lvyahishuwe.IB 368.4

    Ubumenyi bw’umuntu ku bijanye n’ibintu biboneka canke mu vya Mpwemu hariho ico buhajije, ntibwuzuye ngo bunengesere. Ni co gituma abantu benshi badashobora kuringaniza ivyiyumviro vyabo mu vyo ubumenyi hamwe n’amajambo y’lvyandintswe. Abantu benshi baremera ivyiyumviro bibayabaye, canke ivyo babona ko ari vyo vyoba bibereye bakabifata nk’ibimenyamenya mu bumenyi ; kandi bakiyumvira ko ijambo ry’Imana ari iryo guhinyuzwa hakoreshejwe: « ivyitwa ubwenge atari bwo » (1 Timoteyo 6 :20) Ntibashobora gutahura Umuremyi hamwe n’ibikorwa vyiwe ; kandi kubera ko n’amategeko aboneka nk’akarangamutima ivyaremwe vyenenako ataco yobafasha mu nsiguro bakeneye, inkuru za Bibiliya baca babona ko ata muntu yozizera ijana kw’ijana. Abantu bakekeranya inkuru y’imvaho nk’uko iboneka mw’isezerano rya kera n’isezerano rishasha, kenshi baca batera iyindi ntambuko begera imbere bagakekeranya ko Imana iriho maze ubushobozi budafise aho bugarukira bakabutazirira ivyaremwe. Kubwo kurekura ico bari kwishimikiza, umuyaga uca ubahuha maze bagaseka ibitandara vy’ubuhakanyi.IB 369.1

    Uko ni ko abantu bava mu kwizera maze bagahendwa n’umurwanizi. Abantu bararondeye ingene boba inkerebutsi gusumvya uwabaremye. Ivyiyumviro vy’abantu vyaragerageje kurondera no gusigura amabanga atazokwigera ahishurwa mu bihe bidashira. lyaba abantu barondeye kumenya no gutahura ivyo Imana yemeye ko bamenya kuri yo no ku migambi yayo, boshobora kugira iciyumviro c’icubahiro, c’ububasha n’ubushobozi vya Yohana, ku buryo bashobora guca babona ukuntu ari bato imbere y’lmana kandi bagaca bashimishwa n’ivyo yabahishuriye bo ubwabo hamwe n’abana babo.IB 369.2

    Igikoresho gihambaye c’ubuhendanyi bwa Satani ni ugutuma abantu bagumana ivyiyumviro vyo kwama bashakashatse, barondera ibintu Imana itashimye kutumenyesha kandi itarajwe ishinga n’uko tubitahura. Uko ni ko Lusiferi yatakaje ikibanza ciwe mw’ijuru; yumvise abuze amahoro kubera ko amabanga yose y’imigambi y’Imana atari yayabwiwe, kandi aca arakengera rwose ivyari vyarahishuwe vyerekeranye n’igikorwa hamwe n’amabanga yo mu rwego rwo hejuru yari yarashinzwe. Yaroheje abamarayika bari musi y’uburongozi bwiwe, abandukiza ako gatima ko kubona ko batanogewe, maze bibatera kugwa. Ubu rero arondera hasi hejuru kwigarurira ivyiyumviro vy’abantu akoresheje ako gatima kugira ngo abashikane aho bakengera ku mugaragaro amabwirizwa Imana ibahaye.IB 369.3

    Abantu bose bumva batarongowe kwakira ukuri kwuzuye kandi gutomoye kw’ijambo ry’Imana bama barondeye ahubwo kwumva utujajuro tubahimbara, kugira ngo bahumurize umutimanama wabo. Iyo inyigisho zitanzwe zidahaye agaciro kanini ivya mpwemu, uca usanga zitanashimika mu guhimiriza abantu ngo bagire ivyo baheba canke ngo bace bugufi; inyigisho nk’izo zakiranwa ikaze ryinshi. Abantu bemera inyigisho nk’izo batitura ubushobozi ubwenge bwabo bufise, bakabukoresha mu bijanye n’ivyo imibiri yabo yipfuza. Bibona ko ari inkerebutsi gusumvya abandi mu gusesangura Ivyanditswe baciye bugufi kandi bashizeko umwete mu gusenga kugira ngo baronswe uburongozi bw’Imana, ariko nta kintu na kimwe kibakingiye ngo Satani abe atobahenda. Satani ariteguye gukabira umutima ivyiyumviro ufise mu kibanza carimwo ukuri akahasubiza ibinyoma. Uko ni ko ubupapa bwagize ubushobozi ku vyiyumviro vy’abantu ; kandi kubwo guheba ukuri kuko gushikana ku musaraba, abaprotestanti bariko barabakurira mu nzira baciyemwo. Abo bose bafata minenegwe ijambo ryimana bakarikaba no kwisunga no kwiga ibiborohera kugira ngo ntibitandukanye n’isi, bazosanga basigaye bemera inyigisho zipfuye mu gishingo c’ukuri. Ikinyoma cose umuntu ashobora kwiyumvira kizokwemerwa n’abo bagendera nkana kure y’ukuri. Umuntu ahindira kure ikinyoma gishisha, uzosanga yiteguye vuba kwakira ikindi atagonanwa. Intumwa Paulo ariko aravuga ivyo umugwi w’abantu « batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe” amenyesha ko « Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo ngo bizere ibinyoma ; kugira ngo abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirweko iteka. »(2 Ab’i Tesalonike 2 :10-12) Kubera ko iyo mburi tuyifise imbere yacu, birabereye ko twitwararika inyigisho turonka.IB 369.4

    Mu bikoresho bifasha kurusha ibindi umurwanizi gushitsa imigambi yiwe harimwo inyigisho z’ibinyoma hamwe n’ubuhendanyi buciye mu gukora ibitangaza. Yiyoberanije nka marayika w’umuco, atega amakira aho abantu bataziga. Iyaba abantu basoma igitabo c'Imana, bakacigana amasengesho ashimitse kugira ngo bagitahure, ntibosanga basigaye mu mwiza ngo bakire inyigisho zitari izo ukuri. Ariko kubera ko banka kwakira ukuri, baca bafatwa mu mutego w’ikinyoma.IB 370.1

    Iyindi nyigisho iteye ubwoba ni iyo ihakana ko Kristo ari Imana, ikavuga ko atamyeho imbere y’uko aza akavukira muri iyi si. Abantu benshi bavuga ko bemera Bibiliya bakirana ikaze ridasanzwe iyo nyigisho; kandi ihushanije ku buryo bugaragara n’amajambo atomoye yashikirijwe n’Umukiza wacu yerekeranye n’imigenderanire yiwe na Se, kamere yiwe nkimana, no kuba yamyeho isi itararemwa. Kugira ushobore kwemera inyigisho nk’iyi ni uko wobanza ugahonyanga Ivyanditswe ku buryo bugaragara. Iyo nyigisho si yo gusa ituma habaho gutitura igikorwa co kuducungura, ariko ituma kandi hatabaho kwizera Bibiliya nk’ijambo ryahumetswe rivuye ku Mana. Iyo ngingo duherejeko ituma iyo nyigisho irushirizaho kuba mbi ku buryo bica birushirizaho kugorana kuyihinyuza. Igihe abantu baba bahakanye igishingantahe civyanditswe vyera ku vyerekeranye n’ubumana bwa Kristo, ntaco bimaze guharira nabo kuri iyo ngingo ; kuko, nta ciyumviro na kimwe, nubwo coba cubatse gute, wokoresha ngo ubibumvishe. « Ariko umuntu afise umubiri n’ubwenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu wimana: kukw ‘ari ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bw’impwemu. » (2 Ab’i Korinto 2 :14) Nta muntu yemera inyigisho nk’iyo ashobora kugira iciyumviro c’ukuri ku vyerekeranye na kamere canke igikorwa ca Kristo, canke kuvyo umugambi uhambaye wimana wo gucungura umuntu.IB 370.2

    Ikindi kinyoma abantu badashobora kubona kandi kibica bigacika ni inyigisho ikwiriye hose kandi abantu bemera ko Satani atabaho, ko iryo zina rikoreshwa muri Bibiliya kugira ngo berekane gusa ivyiyumviro bibi n’ivyipfuzo vy’umuntu. Inyigisho ihanahanwa ku buryo bwagutse n’abasiguzi rurangiranwa ko ukugaruka kwa Kristo gushikira umwe wese iyo apfuye, ni ikinyoma co gusamaza ivyiyumviro vy’abantu ngo ntibazirikane ko azogaruka ubwiwe ku bicu vy’ijuru. Imyaka atari mike iraheze Satani yama avuga ati : « Ehe Kristo ari hano »(Matayo 24 :23-26); kandi abantu benshi barazimiye kubwo kwemera ico kinyoma.IB 370.3

    Ikindi kandi ubwenge bw’isi bwigisha ni uko ugusenga atari nkenerwa. Abantu b’abahinga mu vyo ubumenyi bemeza ko ishengero ata nyishu y’ukuri rishobora kuronka ; ko hamwe ivyo vyoshika kwoba ari igitangaza, kandi igitangaza naco ntikibaho. Bavuga ko isi ishingiye ku mabwirizwa adahinduka, kandi ko Imana itarwanya ayo mabwirizwa. Uko ni ko berekana ko Imana iboshwe n’amabwirizwa yayo - nk’uko igikorwa co gushiraho amabwirizwa y’Imana kiyikumira kugira umwidegemvyo. Inyigisho nk’iyo ni igihabane ku gishingantahe nk’uko kiboneka mu Vyanditswe. None nta bitangaza vyakozwe na Yesu hamwe n’intumwa ziwe ? Uyo mukiza yuzuye impuhwe ni muzima uyu musi, kandi yipfuza kwumviriza amasengesho yo kwizera nko mu gihe yagendana n’abantu imbonankubone akiri kw’isi. Hariho ugushikirana hagati y’ivyo tubonesha amaso hamwe n’ivya Mpwemu. Ni uruhara rw’umugambi w’Imana kuturonsa inyishu y’amasengesho yacu yo kwizera; ico itemera ni ico tuba tutasavye.IB 371.1

    Inyigisho z’ibinyoma hamwe n’ivyiyumviro vy’ukwiyorohereza biboneka mu mashengero rukristo ntizigira uko zingana. Ntibishoboka ko umuntu yogereranya inkurikizi mbi zifise inkomoko mu kwimura kamwe gusa mu turimbi twashinzwe n’ijambo ry’Imana. Abantu bake bohirahira bakabikora bohagarikwa no kubona bavavanuye n’ukuri mu buryo bwose. Umurwi munini w’abantu ubandanya gushira i ruhande ingingo y’ukuri inyuma y’iyindi, gushika aho bahinduka abantu batizera.IB 371.2

    Amakosa y’inyigisho menyeshamana rurangiranwa yakwegeye abantu benshi mu gukekeranya kandi bategerezwa ahubwo kuba abantu bizera Ivyanditswe. Biragoye kuri bo kwemera iyo nyigisho itemera iciyumviro gihushanye n’ingene izirikana ivy’ubutungane, imbabazi hamwe n’ubugwaneza; kandi kubera ko izo ngingo zisonerwa nk’inyigisho za Bibiliya, iyo nyigisho ntiziha ikaze nk’ijambo ry’Imana.IB 371.3

    Kandi iki ni co gikorwa Satani yipfuza kurangura. Nta kintu yipfuza gukora kiruta ugukura abantu ku Mana, ntibayizere kandi ntibizere ijambo ryayo. Satani aboneka nk’umurongozi w’ingabo zihambaye z’abantu bakekeranya, kandi arakoresha ubushobozi bwiwe bwose kugira ngo akwegere abantu musi y’ukuboko kwiwe - ubu noneho, ugukekeranya vyahindutse agaharawe. Hariho umurwi w’abantu barabira ijambo ry’Imana kure ntibarihe agaciro, kuko ritunga urutoke icaha kandi rikagihana, igikorwa kirangwa na nyene kuritanga. Abatifuza kwubahiriza ico risaba bakora uko bashoboye kugira ngo batiture ububasha bwaryo. Barasoma Bibiliya canke bakumviriza inyigisho zayo nk’uko ziba zishikirijwe ku ruhimbi rweranda mu ntumbero yo gutoramwo vyonyene amakosa mu Vyanditswe canke mu nsiguro. Abantu batari bake bahinduka abatizera mu ntumbero yo gusigura canke gutanga urwitwazo bibatera kudakora ivyo basabwa. Abandi nabo usanga bahisemwo kugendera ku ngingo z’ugukekeranya kubera ukwibona canke ubunebwe. Hariho n’abo vyorohera kwitandukanya n’abandi mu gukora ikintu kibereye icubahiro, gisaba akigoro be no kwitanga; barazwa ishinga no kuvugwa hose ko ari incabwenge zo hejuru mu kwiga Bibiliya uko bishakiye. Hariho ibintu vyinshi ubwenge bw’umuntu, bufise aho bugarukira butamurikiwe n’ubukerebutsi bwo mw’ijuru, budashobora gutahura; rero uko ni ko baronka akaryo ko kuvuga nabi. Hariho abantu benshi bibaza ko ari ikintu gifise agaciro kuja ku ruhande rwo kutizera, ugukekeranya no kutagamburuka. Ariko n’ubwo berekana ishusho nk’iyo abantu bitonda, bizogera aho biboneka ko basunikwa n’ubwibone hamwe no kwiyemera. Benshi banezezwa no gusanga muri Bibiliya ibintu bituma ivyiyumviro vy’abandi bididanirwa. Bamwe bavuga nabi canke bakiyumvira bahengamiye ku ruhande atari rwo, kubwo gukunda vyonyene ukutavuga rumwe; ntibatahure ko bariko bishira bo ubwabo mu vyara vy’umutezi. Ariko kubera ko baba berekanye icese ukutizera kwabo, biyumvira ko bategerezwa kubandanya bashigikiye uruhande barimwo- uko ni ko bifatanya n’abadakunda ivy’Imana maze ugasanga biyugaraniye inyuma y’imiryango ya paradizo.IB 371.4

    Imana yaratanze mw’ijambo ryayo ibimenyamenya bihagije vya kamere yayo - ukuri guhambaye kwerekanywe n’ugucungurwa kwacu kwarashizwe ahabona ku buryo butomoye. Kubwo ubufasha bwa Mpwemu yera, yasezeraniwe abo bose bayirondera ata buryarya, umuntu wese arashobora gutahura ukwo kuri. Imana yarahaye umuntu umushinge uhambaye wo kwubakako ukwizera kwiwe.IB 372.1

    Ariko rero ivyiyumviro vy’abantu bifise aho bigarukira, ntibishobora gutahura ku buryo bwuzuye imigambi n’intumbero vya wa Wundi adafise intango n’iherezo. Ntaho tuzokwigera turondera ngo dushike i bw'ina mu gutahura ivyiyumviro vy’Imana. Ntidukwiriye guhirahira ngo twubahuke dukureho igihuzu yakingirije icubahiro ciwe. « Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe.»(Abaroma 11 :33) Aho tugeza turashobora gutahura umwitwarariko adufitiye, hamwe n’impwemu zimusunika kutugirira neza, kugira ngo biduhe kubona urukundo rutangaje hamwe n’imbabazi bifatanye n’ubushobozi butagira aho bugarukira. Umuvyeyi wacu ari mw’ijuru akorana ibintu ubukerebutsi n'ubugororotsi kandi rero ntidukwiriye kwumva ko tutanogewe canke ko bitaturaba, ahubwo dukwiriye gukubita inkoro hasi tugaca bugufi. Azotwereka intumbero adufitiye kuko ku neza yacu dukwiriye kubimenya; kandi hamwe n’ivyo dutegerezwa gushira ivyiyumviro vyacu mu kubaho kw’inkomezi zose n’umutima wuzuye urukundo.IB 372.2

    Naho Imana yatanze ibimenyamenya vyo gushigikira ukwizera kwacu, ntizokwigera ikuraho urwitwazo ku bagomba kutizera. Abo bose barondera ico bokwuririrako ngo bareke kwizera bazokironka. Kandi abo banka kwemera no kwubaha ijambo ry’Imana gushika aho ico cose cotuma baharira cokurwaho ku buryo ata karyo ko gukekeranya koba kakiriho, ntibazokwigera bashikira umuco.IB 372.3

    Ukutizera Imana ni yo ngendo isanzwe y’umutima udatyoroye, urangwa n’ukurwanya Imana. Ariko ukwizera gusunikwa na Mpwemu yera, kandi uko umuntu arushirizaho kukwitwararika ni nako kurushirizaho kwongerekana. Umuntu ata kigoro na kamwe yigeze akora ntashobora gukomera mu kwizera. Ukutizera kugira inguvu iyo gushigikiwe; kandi nimba abantu, aho kwubaka ku bimenyamenya Imana yabahaye ngo bashigikire ukwizera kwabo; usanga batwawe no kwamana ibibazo no kugira amakenga, bazosanga ugukekeranya kwabo kwarushirije kwiyongera.IB 372.4

    Ariko rero abo bakekeranya amasezerano y’ Imana kandi ntibizere ijambo ry’ubuntu bwayo, baba bariko barayimaramaza; kandi ubwaku bwabo aho kuzana abandi kuri Kristo bubahindira kure yiwe. Bameze nk’ibiti bitama, bitambika amashami yavyo agasagarara agashika kure, akabuza umuco w'izuba gushikira ibindi biterwa atwikiriye, agatuma bibura ivyankenerwa maze bigapfira musi y’ico gitutu c’imbeho. Ukubaho kw’abantu nk’aba kuzogaragara nk’igishingantahe cama kibagiriza. Bariko barateragira imbuto z’ugukekeranya no kugira amakenga zitazobura kuzana umwimbu wazo.IB 372.5

    Hariho ikintu kimwe co gukora ku bantu barondera ata buryarya kuvavanura no gukekeranya : aho kwemera ibibazo no guharira ku bintu batumva, ni bareke bakire umuco wamaze kubamurikira, kandi bizoca bituma baronka umuco wisumbuye. Ni bareke bakore ico cose bamaze gutahura ku buryo bwuzuye, ivyo bizoca bibashoboza gutahura no gukora ivyo bagikekeranyako ubu.IB 373.1

    Satani arashobora ku buryo bwegereye kwigana ukuri ku buryo ahenda abo baba bipfuza guhendwa, badashaka kwitanga no kwiyibagira nk’uko ukuri kubisaba; ariko ntivyomushobokera kugumya musi y’ubushobozi bwiwe umutima umwe wonyene wipfuza ata buryarya, ku giciro ico ari co cose, kumenya ukuri. Kristo ni we kuri kandi ni «Umuco w’ukuri wakira umuntu wese warik'uraza mur’iyi si. »(Yohana 1 :9) Mpwemu w’ukuri yararungitswe kugira ngo arongore abantu mu kuri kwose. Kandi uku ni ko Imana ivuga ku vyo ubushobozi bw’umwana wayo « Murondere, muzoronka” (Matayo 7: 7) « Ni haba hari ugomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho.” (Yohana 7:17)IB 373.2

    Abakurikira Kristo nta vyinshi bazi ku migambi Satani n’ingabo ziwe bama babagiriye. Ariko uvyagiye mw’ijuru akurikiranira hafi iyo mitego yose kugira ngo ashire mu ngiro imigambi yimbitse afitiye abantu. Umwami ararekerana abantu biwe bagashikirwa n’umuriro w’ibigeragezo,atari uko anezererwa n’ukubabona bari mu kaga n’umubabaro, ariko ari ukubera ko inzira nk'iyo ibereye ko umuntu ayicamwo kugira ngo ashike ku ntsinzi ya nyuma. Ntashobora kubashira ahantu batoshikirwa n’ibigeragezo; ivyo ntivyomuhesha icubahiro kuko intumbero yonyene ituma baca mu ngorane ni ukubategura guhangana n'ibitero vy’umwansi.IB 373.3

    Abanyakibi canke abadayimoni ntibaburizamwo igikorwa c'Imana canke ngo batume abantu batabona ubwiza bwayo, hamwe boba bashaka, n'imitima yabo yinegura kandi iciye bugufi kwatura no guheba ivyaha vyabo, maze mu kwizera bagakomeza amasezerano yimana. Ikigeragezo cose, ubwaku bwose buje mu buryo buhushanye, haba ku mugaragaro canke mw’ibanga, abantu barashobora guhangana na vyo bagatsinda. « Si kubw’inkomezi, si kubw’ubushobozi, ariko ni kubwa Mpwemu wanje nik’Uhoraho nyen’ingabo agize. »(Zakariya 4 :6)IB 373.4

    « Kukw’inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi igitsure n’amatwi yiwe ari kuvyo basenga...Kandi ni nde yobagirira nabi ni mwagira ishaka ry’ivyiza? (IPetero 3: 12, 13) Igihe Balamu, akwezwe no gusezeranirvva impera ihambaye, yagerageza gupfumura arwanya Isirayeli, kandi kubwo ibimazi ashikaniye Umwami akarondera kuvuma ubwoko bwiwe, Mpwemu wimana yaraburijemwo ikibi yipfuza ko cobashikira, kandi ivyo vyatumye Balamu agobererwa atangaza ati : « Novuma nte abo Imana itavumye? Nokwirabira akaranga nte abo Imana itirabiye akaranga ? » « Icompa nkazokwipfira nk’urw’abagororotsi bapfa, iherezo ryanje rikazoba nk’iryabo!” Ikimazi kimaze gutangwa, uwo muhanuzi atubaha Imana yarongeye aravuga ati: « Raba nabariwe kubahezagira: Na yo yarabahezagiye, nanje sinshobora kubihindura ? Nta bigabitanyo ibonye mu ba Yakobo, nta bugoryi ibonye mu Bisirayeli ; Uhoraho Imana yabo ari kumwe nabo, muri bo haseserezwa impundu z’Umwami » « Ereg’indagu ntaco yotwara aba Yakobo, cank’ubupfumu ngo bugire ico butwara Abisirayeli. None biravugwa ku ba Yakobo no ku Bisirayeli, ngw’Ewe, kuntu Imana yakoze! » (Guharura 23: 8, 10, 20, 23) Kandi ubugira gatatu, ibicaniro vyarubatswe maze Balamu arondera ukuntu yosohora ijambo, ry’umuvumo. Ariko atabishaka iminwa yiwe yakoreshejwe na Mpwemu w’Imana maze atangaza imigisha y’ubwoko bwiwe bwatoranijwe, kandi ahambarira ubusazi n’ubugizi bwa nabi bw’abansi babo : « Uzobahezagira nawe ahezagirwe. Uzobavuma nawe avumwe.” (Guharura 24: 9IB 373.5

    Ico gihe ubwoko bwa Isirayeli bwaragamburukira Imana ; kandi igihe cose bashishikara kwitondera amabwirizwa yayo, nta bushobozi na bumwe kw’isi canke i kuzimu bwari kubihanga. Ariko n’ubwo bitari vyakunze ko Balamu avuma ubwoko bwa Isirayeli, yahavuye abishikako abanje kubakwegera mu caha. Igihe bahonyanga amabwirizwa y’Imana, bari bamaze kwitandukanya nayo ; nta kindi bari basigaranye atari ugushikirwa n’ubushobozi bw’Urimbura.IB 374.1

    Satani arazi neza ko umuntu w’intege nke kurusha abandi ariko ari muri Kristo aruta kure urunani rw’ingabo zo mu mwiza, kandi ko, hamwe yoba atewe, yokwihagararako, akivuna. Rero arondera ko abasoda b’umusaraba bigirwa kure y’ibirindiro vyabo bikomeye mu gihe we, n’ingabo ziwe baba baryamiye akatsi, biteguye guhonya no gusambura uwohirahira akovogera ikibanza barimwo. Tuba turi mu mutekano honyene iyo mu kwicisha bugufi twumiye ku Mana ntidutezure, kandi tukanubahiriza amabwirizwa yayo yose.IB 374.2

    Nta muntu n’umwe aba akingiwe umusi canke isaha imwe iyo adasenga. Na cane cane turakwiriye gusaba Umwami ubwenge ngo dutahure ijambo ryiwe. Muri ryo ni ho duhishurirwa imitego y’umurwanizi hamwe n’uburyo twohangana nayo. Satani ni umuhinga mu kuvuga Ivyanditswe ku mutwe, ibisomwa akabiha insiguro yishakiye, afise ivyizigiro ko ivyo bituma duhugumba. Birakwiriye ko dusomana Bibiliya imitima yicisha bugufi; ntidukwiye kwigera dukura amaso yacu ku Mana. Mu gihe dukwiriye kwama na ntaryo twirinda kurwa mu mitego ya Satani, dutegerezwa kwama dusengana ukwizera duti: « Ntutujane mu bitwosha nabi ».IB 374.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents