Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyizigiro Bihambaye - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 25 - Ibwirizwa Ry’imana Ntirihinduka

    « Urusengero rw ‘Imana rwo mw’ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu y’isezerano ryayo » (Ivyahishuriwe Yohana II :19). Isandugu y’isezerano ry’Imana iri mu mugabane wa kabiri w’ihema ryera. Mu mabanga yarangurirwa mw’ihema ryo mw’isi « ryari ryafatiye akarorero kandi rikaba ikigereranyo c’ibintu vyo mw’ijuru » ; iki cumba cugururwa rimwe mu mwaka ku musi mukuru w’impongano igihe ihema ry’ibonaniro ryahumanurwa. Rero kumenyesha yuko ihema ry’Imana ryari ryuguruye mw’ijuru kandi ko isandugu y’isezerano y’Imana yagaragaye bitumbereza ku kwuguruka kw’ahera cane mw'ihema ryo mw’ijuru mu mwaka w’ 1844, aho Kristo yinjiye guheraheza igikorwa c’impongano.IB 309.1

    Abo kubwo ukwizera bakurikiye Umuherezi wabo mukuru ahambaye igihe yatangura igikorwa ciwe ahera cane h’ihema ry’Imana, barashoboye kubona isandugu y’lsezerano ryiwe. Kubera yuko bari bakurikiranye rwose ivyigwa vyerekeranye n’ihema ryera, bari bashitse aho batahura yuko uguhindura amabanga kw’Umukiza kwabaye, maze bamubona noneho ariko arakorera imbere y’isandugu y’isezerano, yerekana amaraso yiwe kw’isandugu ry’Imana ku neza y’abanyavyaha.IB 309.2

    Isandugu y’Imana mw’ihema ryo kw’isi yarimwo vya bisate bibiri vy’amabuye, vyari vyanditsweko ivyitonderwa vy’ibwirizwa ry'Imana. Iyo sandugu yari ishinguye ibisate vyanditseko amabwirizwa kandi kubona ayo mabwirizwa Y’Imana yari yugaraniwe muri iyo sandugu vyayiha agaciro hamwe n’ubweranda vyayo. Igihe ihema ry’Imana ryuguruka mw’ijuru, isandugu y’isezerano ryayo yaragaragaye. Mw’ihema ryo mw’ijuru, ahera cane, ibwirizwa ry’Imana ni ho rishinguranywe iteka- ibwirizwa Imana yitangiye ubwayo muri ya mituragaro y’inkuba kuri Sinayi kandi ikayandikisha intoke zayo ku bisate vy’amabuye.IB 309.3

    Ibwirizwa ry’Imana rishinguwe mw’ihema ryo mw’ijuru ni ryo bwirizwa nyezina rihambaye, ryisunzwe kugira ngo haboneke ivyitonderwa Imana yashikirije bikandikwa ku bisate bibiri vy’abamuye kandi Mose akabishira mu gitabo c’amategeko. Abashoboye gushika aho batahura iyi ngingo baranashobojwe kubona ubweranda na kamere idahinduka y’ibwirizwa ryimana. Barabonye kuruta uko bahora babibona, ubushobozi bw’amajambo y’umukiza : « Gushitsa ah’ijuru n’isi bizoviraho nta kanyugutu na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe”(Matayo 5:18) Ibwirizwa ryimana kubera yuko ryerekana ugushaka kwayo, urwandiko rwa kamere yayo, ritegerezwa kwamaho ibihe vyose, « nk’igishingantahe cizigirwa mw’ijuru. » Nta bwirizwa na rimwe ryakuwemwo, nta ndome n’imwe canke akazatsa vyahindutse. Uku ni ko Umunyezaburi avuga : « Ijambo ryawe ryama rihamye mw’ijuru gushitsa ibihe bidashira, Uhoraho we ». (Zaburi 119 :89). « Ibikorwa vy’intoke ziwe ni ukuri no kuroranya; amabwirizwa yiwe yose arahamye. Arashinzwe gushitsa ibihe bitazoshira »(Zaburi 111 : 7, 8)IB 310.1

    Hagati neza na neza y’amabwirizwa cumi harimwo ibwirizwa rya kane nk’uko ryashikirijwe ubwa mbere na mbere : « Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uz’ukore, abe ariyo ukoreramw’ibikorwa vyawe vyose : ariko umusi ugira indwi ni wo Sabato yanje jewe Uhoraho Imana yawe ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubwawe, canke umuhungu wawe, cank’umukobwa wawe, cank’umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka zawe, cank’uwinyambukira aba iwawe : kukw’imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho Imana yawe naremye mw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri mur’ivyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza. (Kuvayo 20:8-11)IB 310.2

    Mpwemu wimana yarakoze ku mitima y’abariko biga ijambo ryayo. Barashitse aho batahura ko mu butamenya, bahonyanze ibwirizwa mu kutubahiriza umusi w’ikiruhuko cashinzwe n’Umuremyi. Batanguye kurondera impamvu zatumye bubahiriza umusi wa mbere mu ndwi (Dimanche), nk’ikiruhuko, bakawusubiriza uwo Imana yejeje(Samedi) kandi ikawuhezagira. Ntibashoboye kuronka ikimenyamenya na kimwe mu Vyanditswe ko ibwirizwa rya kane ryakuweho, canke ko Isabato yahinduwe; umugisha wahawe ubwa mbwere na mbere umusi ugira indwi ntiwigeze wimurirwa ku wundi musi. Bamye barondera vy’ukuri kumenya Imana, no gukora ivyo igomba. Ubu rero bamaze kwibonera bo ubwabo ko bahonyanze ibwirizwa ryayo, imitima yabo yuzuye agahinda, maze batangura kwerekana ko bagamburukiye Imana mu kwubahiriza isabato yayo nyerandaIB 310.3

    Abantu baragize utwigoro tutari duke kandi bashimitse barondera kuburabuza iyo ngingo yari imaze gupfundikwa. Nta muntu n’umwe atasobanukiwe n’uko ihema ryeranda ryo mw’isi ryari ikigereranyo c’iryo mw’ijuru, n’amabwirizwa yashizwe mw’isandugu ryo mw’isi yar’ikopi y’amabwirizwa ari mw’ijuru, kandi yuko nimba umuntu yemeye ukuri kw’ihema ryeranda ryo mw’ijuru ategerezwa gushitsa ibisabwa n’amabwirizwa yimana bo n’ ibwirizwa rya kane ry isabato. Aha ni ho hari ibanga ryari ryinyegeje inyuma y’ishavu n’ukurondera kurwanya ibishikirizwa ku buryo bugaragara mu Vyanditswe, vyerekana amabanga ya Kritsto mw’ihema ryo mw’ijuru. Abantu barondeye kwugara urugi Imana yari yuguruye, maze bagenda kwugurura urwo yari yugaye. Ariko « uwugurura ntihagire uwugara kand’uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi : ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, ntawushobora kurwugara » (Ivyahishuriwe Yohana 3 :7,8). Kristo yari yuguruye urugi, canke yatanguye gukorera ahera cane ; umuco wari wamuritse uzananye muri urwo rugi rwuguruye rw’ihema ryo mw’ijuru, kandi ibwirizwa rya kane ryari ryagaragaye ko riri mu yandi ashinguwe mw’isanudugu y’Isezerano : Ico Imana yashinze, nta muntu yoshobora kugisambura.IB 310.4

    Abari bemeye inyigisho z’ivy’igikorwa ca Kristo co guhuza abantu n’lmana, no kwamaho kw’amabwirizwa yayo, batahuye neza ko ivyo ari vyo vyagaragariye mu butumwa bw’ umumarayika wa gatatu nk’uko tubisanga mu Vyahishuriwe Yohana 14. Ubutumwa bwo muri iki gice bugizwe n’imburi zitatu zimenyesha abantu baba kw’isi kwitegurira ukugaruka kw’Umwami. Aya majambo ngo « igihe c’amateka cashitse » atumbereza kw’iherahezwa ry’igikorwa c’amabanga ya Kristo yo kuronderera umuntu agakiza. Yamamaza ukuri gutegerezwa kuzokwama gushikirizwa gushika aho igikorwa ca Kristo co kwingingira abantu ku Mana kizoba kirangiye maze akagaruka kw’isi gutora abantu biwe. Igikorwa co gutohoza imanza catanguye mu mwaka w’1844 gitegerezwa kubandanya gushika aho ibibazo vy’abantu vyose bizoba vyaciwe hirya no hino maze hagafatwa ingingo haba ku bakiri bazima canke ku bapfuye; rero iryo tohozwa ry’imanza rizoshikana aho umuntu atazoba acitega imbabazi. Kugira ngo abantu bitegurire kuzohagarara imbere y’intahe y’Imana, ubutumwa bwo kubabwira bubararikira « Kwubaha Imana no kuyihimbaza”, “gusenga Iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko y’amazi”(Ivyahishuriwe Yohana 14 :7). Inkurikizi yo kwemera ubwo butumwa ibonekera muri aya majambo : « Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’lmana n’ukwizera Yesu » (Ivyahishuriwe Yohana 14 :12) Kugira ngo bitegurire guhagarara imbere y’intahe, birakwiriye ko abantu bitondera amabwirizwa y’Imana. Ayo mabwirizwa ni yo azoba urufatiro kamere rwo kwisungwa mu guca urubanza. Intumwa Paulo ashinga intahe avuga ati : « Abakoze ivyaha bose bazi ivyagezwe bazotsindishwa n’ivyagezwe... ku musi Imana izocira amabanga y’ abantu amateka muri Yesu Kristo » Kandi aravuga ko « Uwubahiriza ibwirizwa ariwe azotsindanishirizwa” (Abaroma 2 : 12-16) Hamwe n’ivyo, ukwizera kurakenewe kugira ngo bashobore kwubahiriza ibwirizwa ry'Imana kuko «Utizera ntibishoboka kw’ayihimbara » kandi «ikitava ku kwizera cose ni icaha. »(Abaheburayo 11 :6 ; Abaroma 14 : 23) Ubutumwa umumarayika wa mbere yashikirije ni ubwo : « Kwubaha Imana no kuyihimbaza” kandi no kuyisenga nk’umuremyi w’ijuru n’isi.( Ivyahishsuriwe Yohana 14:7) Kugira ngo bashobore kubishikako bategerezwa kwubaha amabwirizwa yayo. Umunyabwenge avuga ati: «Wubah’Imana, witonder’ivyagezwe nayo kukw’ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.” (Umusiguzi 12 :13) Hatabayeho kwubahiriza amabwirizwa y’Imana, nta gusenga kwacu na kumwe kwoyihimbara. « Kuk’ugukund’Imana ari uku, ni uko twitondera ivyagezwe vyayo.» « Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe n’ugusenga kwiwe nakwo kuba igisesema.» (1 Yohani 5: 3 ; Imigani 28: 9)IB 311.1

    Igituma turarikirwa gusenga Imana ni uko ari Umuremyi kandi ko ibintu vyose bibeshejweho na we. Kandi aho hose muri Bibiliya hashikirizwa ko dukwiriye kwubaha Imana no kuyisenga hejuru y’ibigirwamana vy’abapagani, aho nyene ni ho usanga hatanga ikimenyamenya c’ubushobozi bwayo bwo kurema : «Kukw’ibigirwamana vy’amahanga vyose ari ubusa, arik’Uhoraho ni we yaremye amajuru.” (Zaburi 96: 5) “None rero mwongereranya nande twongana? Nik’Uwera abajije. Ni mwunamure amaso yanyu murabe hejuru, murabe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we.” ( Yesaya 40: 25,26) “Uku ni k’Uhorah’agize uwaremy’amajuru ni we Mana; uwabumvye isi akayirema... Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.” (Yesaya 45: 18) Uku ni ko umunyezaburi avuga: « Mumenye yuk’Uhoraho ariwe Mana: niwe yaturemye, natwe tur’abiwe ,turi abantu biwe, tur’intama zo mu canya ciwe.” (Zaburi 100: 3). “Nimuze tumusenge twunamye, dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu.”( Zaburi 95: 6) Kandi ibinyabuzima bisenga Imana mw’ijru, biratanga impamvu ituma biyunamira: «Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabwa uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha kukw’ari wewe waremye vyose.” (Ivyahishuriwe Yohana 4 : 11)IB 311.2

    Mu Vyahishuriwe Yohana 14, abantu barahamagarirwa gusenga Umuremyi w’ijuru n’isi ; kandi ubuhanuzi burerekana umurwi w’abantu wubahiriza amabwirizwa y’Imana nk’ingaruka y’ubutumwa bw’abamarayika batatu. Rimwe muri ayo mabwirizwa ryerekana ridaciye i ruhande ko Imana ari Umuremyi. Ibwirizwa rya kane riravuga riti: « Ariko umusi ugira indwi ni wo sabato yanje jewe Uhoraho Imana yawe.. .kukw’imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho Imana yawe naremyemw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri mur’ivyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi, ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza. » (Kuvayo 20: 10, 11) Ku vyerekeranye n’lsabato, Umwami arongera akavuga ko ari « ikimenyetso.. .kugira ngo mumenye yuko jewe ndi Uhoraho Imana yanyu.» (Ezekiyeli 20 :20) Kandi impamvu yatanzwe n’iyi ngo : «N’ikimenyetso hagati yanje n’ab’isirayeli kugeza ibihe vyose: kuko mu misi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremeyemwo ijuru n’isi, ku musi ugira indwi nkarangiza, nkaruhuka. (Kuvayo 31: 17)IB 312.1

    « Akamaro k’lsabato nk’icibutso co kurema ni uko yama yibutsa igihe cose igituma dukwiriye gusenga Imana kuko Imana ari umuremyi natwe tukaba turi ibiremwa vyayo. » « Isabato ni wo mushinge igikorwa co gusenga curirirako kuko irigisha uku kuri guhambaye mu buryo butomoye gusumba ikindi kintu cose. Umushinge wo gusenga nyezina, atari ku musi w’isabato honyene, ari uwo gusenga igihe cose, uboneka mw’itandukaniro riri hagati y’Umuremyi n’ibiremwa. Iki ni ikintu gihambaye kidakwiriye gufatwa minenerwe, kandi ntigikwiriye kwibagirana » (J. N. Andrews, History of the Sabbath, chapter 27). Kugira ngo uku ukuri kwame na ntaryo kwashizwe imbere y’abantu vyatumye Imana itanguza Isabato muri Edeni. Kandi igihe cose impamvu yo gusenga Imana yacu azoba ari uko ari Umuremyi wacu, Isabato izokwama ari ikimenyetso n’icibutso cayo. Iyo Isabato yubahirizwa hose, ivyiyumviro n’ibibabagwe vy’abantu vyari kuba vyaraturnberejwe ku muremyi nk’uwo kwubahwa no gusengwa, kandi ntihari kwigera habaho umuntu yosenga ikindi kintu uretse Imana, umuntu atemera yuko Imana iriho canke umuhakanyi. Ukwubahiriza Isabato ni ikimenyetso co kugamburukira Imana nzima « yaremye ijuru n’isi n’ibiyaga, n’amasoko y’amazi. » Bica bigaragara yuko ubutumwa burarikira abantu gusenga Imana no kwubahiriza amabwirizwa yayo ari nabwo buhamagarira abantu ku buryo budasanzwe kwubahiriza ibwirizwa rya kane.IB 312.2

    Ku buryo buhushanije n’abo bubahiriza amabwirizwa yimana kandi bizera Yesu, umumarayika wa gatatu yerekanye uwundi murwi w’abantu wahawe icese imburi iteye ubwoba kubwo amakosa yawo. Yavuze ati : « Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bwimana. »(Ivyahishuriwe Yohana 14 : 9,10). Insiguro y’imvugo ngereranyo yakoreshejwe irakenewe kugira ngo hashobore kubaho ugutahura ubu butumwa. Igikoko,ishusho yaco, ikimenyetso caco bisigura iki ?IB 313.1

    Urukurikirane rw’ubuhanuzi ahaboneka iyi mvugo ngereranyo rutangurana n’igice ca cumi na kabiri civyahishuriwe Yohana, aho igisato carondeye gukuraho Kristo akivuka. Ico gisato, bivugwa ko ari Satani ; ni we yari inyuma ya Herode hamwe yarondera kugirira nabi Umukiza. Ariko igikoresho gikomeye Satani yihanzemwo mu binjana vya mbere na mbere vy’intango yishengero rukristo mu kurwanya Kristo n’abantu biwe yari ubutware bw’i Roma, aho ubupagani bwari bwariraye nk’idini. Uko ni ko, n’ubwo ubwa mbere na mbere igisato gitumbereza kuri Satani; ku rundi rugero kigereranywa n’intwaro ya Roma y’ubupagani.IB 313.2

    Mu gice ca cumi na gatatu civyahishuriwe Yohana haravugwa ikindi gikoko « gisa n’ingwe », cahawe ububasha na ca gisato, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye ». Iyi mvugo ngereranyo nk’uko Abaprotestanti benshi bavyemera, itumbereza k’ubupapa, bwasubiriye ubushobozi, buja ku ntebe kandi buronswa n’ubutware bwahorana n’ubutegetsi bwa Roma ya kera, ya gipagani. Bivugwa ko ico gikoko gisa n’ingwe : « Cahawe akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota... Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kwizina ryayo, no kwihema ryayo, no ku baba mw’ijuru. Gihabwa kurwanya abera no kubanesha kandi gihabwa gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n'amahanga yose. » (Ivyahishuriwe Yohana 13 : 5-7) Ubu buhanuzi bwegereye hafi ivyavuzwe ku gahembe gatoya ko muri Daniyeli indwi, ata gukekeranya butumbereza ku bupapa.IB 313.3

    « Gihabwa n’ubushobozi bwo gushishikara amezi mirongo ine n’abiri.» Uwavugishwa nimana avuga ati : « Muri ya mitwe yaco mbonamwo umwe usa n’ukomeretse akagirire. (Ivyahishuriwe Yohana 13 : 3a) Arongera kandi akavuga ati : «Namb’umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. » (Ivyahishuriwe Yohana 13 : 10.” Amayinga mirongo ine n’abiri ni yo avugwa nk’ikiringo « c’igihe, n’ibihe n’igice c’igihe », imyaka itatu n’igice canke imisi igihumbi amajana abiri na mirongo itandatu, nk’uko tubisanga mu gice c’indwi c’igitabo ca Daniyeli - ikiringo ubutegetsi bw'ubupapa bwacuranguje ubwoko bwimana. Ico kiringo nk’uko vyamaze gushikirizwa mu bice vyarenganye, catanguranye n’igihe c’intwaro y’ubupapa, mu mwaka wa 538 inyuma y’ivuka rya Yesu, maze kirangirana n’umwaka wa 1798. Aho ni co gihe umupapa yariho yafashwe mpiri n’ingabo z’abafaransa, ubutegetsi bw’ubupapa buba burakomeretse akagirire, maze ivyavugishijwe biba birashitse « Namb’umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri.»(Ivyahishuriwe Yohana 13 :10).IB 313.4

    Kuri iyi ntambuko hari iyindi mvugo ngereranyo yakoreshejwe. Uwavugishwa nimana avuga ati : « Kandi mbona ikindi gikoko gisokorotse mw’isi: gifise amahembe abiri nk’ay’umwagazi w’intama » (Ivyahishuwe Yohana 13: II) Uravye iki gikoko uko casa hamwe n’ukuntu cabayeho, vyose vyerekana ko igihugu bigereranya gitandukanye n’ivyamaze kuvugwa hakoreshejwe imvugo ngereranyo twamaze kubona. Ubwami buhambaye bwaganjije iyi si bweretswe Daniyeli nk’ibikoko bihiga ibindi, bisokoroka igihe «imiyaga ine yo mu kirere isenyerana ku kiyaga kinini.»(Daniyeli 7 : 2) Mu gice ca Cumi n’indwi c’Ivyahishuriwe Yohana, umumarayika yatanze insiguro avuga ko amazi agereranya « amoko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi » (Ivyahishuriwe Yohana 17 :15). Imiyaga ni ikimenyetso cerekana intambara. Imiyaga ine yo mw’ijuru isenyeranira ku kiyaga kinini igereranya ibihe bigoye vy’ibitero bitavanako hamwe n’imigumuko ubutegetsi bwagiye bukoresha kugira ngo bushikire ubutware.IB 313.5

    Ariko igikoko gifise amahembe nk’ay’umwagazi w’intama bakibonye « gisokoroka kiva mw’isi ». Aho gusenyura ubundi butegetsi bwari buhasanzwe kugira ngo kibone kwiyimika, igihugu ico gikoko kigereranya gitegerezwa kwiburuka ahantu hatari hasanzwe haba abantu, maze buhoro buhoro mu mahoro, kigatera imbere. Rero ntigishobora gusokoroka mu bihugu bigwiriyemwo abantu no mu mahanga yama yanyinyuranye y’i Buraya - ico kiyaga gisenyeranirako imikuba « y’amoko n'amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi » : Ico gihugu nta handi corondererwa uretse hakurya y’ibahari Atlantike.IB 314.1

    Ni ikihe gihugu c’ahantu hashasha mu mwaka w’1798 casokorokanye ubutware, kikerekana ko gifise inkomezi kandi gihambaye, kandi kigasamarirwa n’isi yose ? Igihugu iyo mvugo ngereranyo itumberezako nta muntu arekuriwe kucihendako. Igihugu kimwe kandi conyene, ni co kibonekwako ivyavuzwe muri ubu buhanuzi ; ata kwihenda kubayeho, nta kindi uretse Leta zunze ubumwe z’Amerika. Mu bihe bitadukanye, iciyumviro mbere n’amajambo yegeranye hafi na hafi umuhanuzi yakoresheje ni nayo uwashikirije inkuru kandi n’umutohozi wa kahise yakoresheje atabizi, mu kwerekana ingene iki gihugu cahagurutse kandi kigatera imbere. Igikoko bari bakibonye « gisokoroka kiva mw’isi » ; kandi twisunze abahinga mu guhindura amajambo bakayashira mu zindi ndimi, iri jambo « gisokoroka » ryakoreshejwe, udaciye iruhande risigura ngo « gukura, gututuza uva mw’isi nk’igiterwa ». Kandi nk’uko twabibonye, ico gihugu categerezwa kwiburuka ahantu ata bantu bari basanzwe bahaba. Umwanditsi rurangiranwa ariko arerekana ingene Leta zunze ubumwe z’Amerika zateye intambwe yo hejuru avuga ko « ico gihugu mu buryo busiga ubwenge cavuye mu busa.” Avuga ati : « Nk’urubuto runumye twarateye imbere duhinduka ubutware bwagutse. » (-G. A. Townsend, The New World Compared With the Old, page 462.) Ikinyamakuru c’i Buraya mu mwaka w’1850 kivuga ivya Leta zunze ubumwe z’Amerika nk’ubutware buteye igomwe, bwagutse, bwariko “burasokoroka” kandi “hagati y’agacerere k’isi” ku musi ku musi ubushobozi n’ubwibone bwabwo bwagenda bwiyongera. (-The Dublin Nation) Edward Everett, mw’ijambo yashikirije ryerekeranye n’ingenzi zavumbuye iki gihugu, yaravuze ati: “Mbega barondera ahantu hihereye, ata ngorane hatera kubera yuko hatwikiriwe, hatabona kandi hakingiwe kuko hari kure; aho agasengero gatoya ka Leyda kashoboye kwumva ko gafise umwidegemvyo w’umutimanama? Ni murabe intara zikomeye kandi zagutse zigaruriwe mu mahoro.. .batumye ibendera ry’umusaraba rihahungabanira!” (Speech delivered at Plymouth, Massachusetts, Dec. 22, 1824, page 11.)IB 314.2

    “Kandi cari gifise amahembe abiri nk’ay’umwagazi w’intama.” Amahembe y’umwagazi w’intama yerekana ubusore, ubugwaneza, ukutiyagiriza ikibi, vyaranga neza na zeza kamere ya Leta zunze ubumwe z’Amerika igihe yahishurirwa umuhanuzi “nk’iyisokorotse ivuye ahantu”, mu mwaka w’1798. Hagati mu bakristo bangaye bagahungira muri Amerika bakarondera ubwigobeko bozibukiriramwo agahotoro k’abami hamwe no kubura impuhwe kw’abapatiri, harimwo benshi bigiriye inama yo gushinga intwaro yenena ku buryo bwagutse ku gushinga imizi ku mwidegemvyo w’umuntu hamwe n’uw’amadini. Ivyiyumviro vyabo vyaronse ikibanza “mw’ltangazo ryo kwikukira” ryashize imbere ukuri guhambaye yuko “abantu bose baremwe bangana” kandi barangwa n’uburenganzira ntabanduka bwo “kugira ubuzima, umwidegemvyo no gukurikirana icobanezera”. Kandi itegeko nshingiro ryarekurira abantu uburenganzira bwo kwitunganiriza ivy’intwaro, rigategekanya yuko abantu batorwa ngo baserukire abandi kandi bagashinga mbere bagakenguza n’amategeko. Umwidegemvyo mu kwemera kw’umuntu nawo nyene ntiwasigaye inyuma; umuntu wese yari arekuriwe gusenga Imana yisunze ico umutimanama umutegeka. Igihugu cagendera ku ntwaro ya Repubulika kandi kikisunga inyigisho z’aba protestanti mu kwemera. Izi ngingo nyamukuru ngenderwako ni zo zari zigize ibanga ry’ubushobozi bw’igihugu c’Amerika no gutera imbere kwaco. Abakristo bari baratotejwe mu bihugu bavamwo barahindukiye baraba iki gihugu bavyishimiye kandi bafise ivyizigiro. Abantu amamiriyoni bakironsemwo ubuhungiro kandi Leta zunze ubumwe z’Amerika carateye intambwe gishika aho kironka ikibanza mu bihugu bihambaye vyo kuri iyi si.IB 315.1

    Ariko ico gikoko gifise amahembe nk’ay’umwagazi w’intama ” kivuga nk’igisato. Kiganzisha ububasha bwose bwa ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigobera isi n’abayibako gusenga ca gikoko ca mbere cakize uruguma rwocishe;.. .kibarira ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko cari n’uruguma rwocishe.” (Ivyahishuriwe Yohana 13: 11-14)IB 315.2

    Amahembe nk’ay’umwagazi w’intama n’ijwi ry’igisato vyo muri iyi mvugo ngereranyo vyerekana itandukaniro ridasanzwe hagati y’ukwemera igihugu gishira imbere hamwe n’vyo gikora ku mugaragaro. “Ukuvuga ” kw’igihugu kubonekera mu mategeko yaco hamwe n’ingingo z’ubutungane gifata. Ivyo bituma gishobora kwihinyuza ugereranije ivyo kivuga n’ingingo z’umwidegemvyo n’amahoro cari cashize imbere nk’umushinge w’amategeko akigenga. Ivyamaze gushirwa ahabona yuko “kizovuga nk’igisato” kandi kigakoresha “ubushobozi bwose bw’igikoko ca mbere” vyerekana ku buryo bwuzuye, ingene buhoro buhoro agatima ko kutihanganira abandi no kubahama, karanga ibihugu vyagereranywa n’igisato hamwe n’igikoko gisa n’ingwe, kazokura. Kandi aya majambo ngo igikoko cari gifise amahembe abiri “kigobera isi n’abayibako gusenga ca gikoko ca mbere” yerekana yuko ubutegetsi bw’iki gihugu buzokoreshwa mu guhimiriza abantu kuzirikana ku buryo budasanzwe ibintu bimwe bimwe bizoba bifitaniye isano no kwubahiriza ubupapa.IB 315.3

    Igikorwa nk’ico kizoba ari igihushane gikomeye c’ingingo ngenderwako z’iyo ntwaro, igihushane c’ubuhinga bw’ibigo vyaco bikorera mu mwidegemvyo; kizoba kandi ari igihushane kigaragara c’itangazo ryasomwe icese ryerekeranye n’ukwikukira hamwe n’ibwirizwa nshingiro. Ababaye aba mbere mu gutunganya ubuzima bw’ico gihugu baronderanye ubwenge kwikingira gukoresha ubutegetsi bw’igihugu ku ruhande rw’ishengero kuko bifise ingaruka udashobora gukinga -ukutihanganirana hamwe n’agahamo. Ibwirizwa nshingiro ritegekanya ko “inama nshingamateka itazokwigera itora itegeko rishiraho idini ryegamiye Leta canke ribuza idini ko rikora ryidegemvya”, kandi yuko ata muntu azobanza kubazwa idini asengamwo kugira ngo ashobore kwemererwa gushingwa amabanga y’ubwizigirwa muri Leta zunze ubumwe z’Amerika. Igihe kuba umunywanyi w’idini vyohimirizwa n’ubutegetsi bw’igihugu, vyoba bikozwe mu buryo buhushanije n’izi nkingi z’umwidegemvyo w’igihugu. Ariko rero ugereranije n’ijambo ry'ubuhanuzi, aho niho ico gikoko c’amahembe abiri nk’ayo umwagazi w‘intama kizotirimukira. Igikoko c’amahembe nk’ayo umwagazi w’intama - kivuga ko gitunganye, kirangwa n’ubuntu kandi ata muntu gihohotera - ni co kivugwa nk’igisato.IB 315.4

    “Kibarira abantu bari kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko”. Aha turi mu ntwaro aho usanga ububasha bwo gushinga amategeko buri mu minwe y’abanyagihugu; kuko ari ikimenyamenya kidasanzwe yuko Leta zunze ubumwe z’Amerika arico gihugu kivugwa hano muri ubu buhanuzi.IB 316.1

    None “igishushanyo ca ca gikoko” ni igiki? Gikorwa gute? Ico gishushanyo gikorwa n’ico gikoko c’amahembe abiri; kandi ni co gishushanyo ca ca gikoko ca mbere. Bacita igishushanyo c’igikoko. Rero kugira ngo dutahure uko igishushanyo kimeze n’uko kizokorwa birakwiriye ko turaba ido n’ido ry’ibintu biranga ico gikoko ubwaco-ubupapa.IB 316.2

    Aho ishengero mu misi ya mbere ryihumanya mu kugendera kure y’ubutumwa bwiza ku bantu bose, maze rikemera imigenzo n’amabanga ya gipagani, ryaciye ritakaza Mpwemu n'ubushobozi vy’Imana; kandi mu ntumbero yo kugira ubwaku ku mutimanama w’abantu, ryaciye rirondera gushigikirwa n’ubutegetsi bw’igihugu. Ivyo ni vyo vyashikanye ku bupapa; ishengero rifise ijambo n'ubwaku ku butegetsi bw’igihugu kandi ribwikorako kugira ngo rishike ku vyo ryipfuza, na cane cane mu guhana “abashigikira inyigisho z’ivyaduka.” Kugira ngo bibe vyoshoboka yuko Leta zunze ubumwe z’Amerika zikora igishushanyo c’igikoko, ubutegetsi bw’ishengero butegerezwa kugira ubwaku kuri Leta ku buryo ishengero ribukoresha mu gushikira imigambi yaryo.IB 316.3

    Aho hose ishengero ryashigikiwe n’ubutegetsi bw’igihugu, ryarabwikozeko kugira ngo ribone abatemera inyigisho zabo. Amashengero y’abaprotestanti yaragendeye mu makanda ya Roma mu kwifadikanya n’ama Leta akomeye y’iyi si yerekanye icipfuzo gifitaniye isano n’iki co kubuza umutimanama w’abantu kwidegemvya. Akarorero kari hafi k’agahabwa ni akaboneka mu kuntu ishengero ryo mu Bwongereza ryamaze igihe kirekire rihama abantu batemera inyigisho zaryo. Mu binjana vya 16 na 17, ibihumbi vy’abakozi b’Imana baranse kugendera ku nyigisho zaryo, vyabaye ngombwa ko bahunga amashengero yabo, kandi benshi muri bo baba ari abapasitori canke abizera muri rusangi, barabaca ihadabu canke bakabafunga, canke bakabatoteza canke bagaheza ubuzima bwabo nk’abamaratiri.Ubuhakanyi ni bwo bwatumye ishengero ryo hambere rironderera ubufasha ku butegetsi bw’igihugu, kandi ibi ni vyo vyaciriye inzira inkomoko y’ubupapa - igikoko. Paulo yavuze ati: “Hazobanza habeho ukureka Imana.. .maze wa muntu w’umugarariji ahishurwe”(2Ab’I tesalonike 2: 3) Rero ubuhakanyi mw’ishengero buzoba buriko burategurira inzira ishusho y’igikoko.IB 316.4

    Bibiliya ivuga yuko imbere y’ukuza kw’umwami hazoba hariho ugusubira inyuma mu vy’Imana gufitaniye isano n’ukwo mu binjana vya mbere. “Ariko umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw’abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira, bibona, batukana ,batumvira abavyeyi ,intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya , batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana ariko bahakana ubushobozi bwayo.”(2Timoteyo 3: 1-5) “Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazoheba ivyizerwa, bagashira umutima ku vyo impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’abadayimoni”(l Timoteyo 4: 1) Satani azokora “n’ubushobozi bwose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunve bwose bwo kugabitanya ku bahona.” Kandi abo bose “batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe,” “bazorungikirwa ubuzimire ngo bubakoreremwo , ngo bizere ibinyoma” (2 Ab’i Tesalonike 2:9-11). Igihe iyi ntambuko yo gusubira inyuma mu vy’Imana izoba yashitsweko, izokurikirwa n’ingaruka nk'izabayeho mu binjana vyo hambere.IB 317.1

    Uburyo bwo kwemera butandukanye mu mashengero y’aba protestanti bubonwa n’abantu benshi nk’ikimenyamenya ntabanduka c’uko akigoro ko guhimiriza abantu ngo bahurire ku kwizera kumwe kadashoboka. Ariko mu gihe c’imyaka myinshi, harabayeho mu mashengero y’ukwizera giprotestanti, icipfuzo gikomeye kandi gitera gikura co gushira hamwe kubwo kwubakira ku myizerere abantu bahuriyeko. Kugira ngo bashike kuri iyo ntambuko, uguharira ku ngingo zo kwizera bose boba bahurizako - naho zoba zihambaye ugereranije n’ikibanza zifise muri Bibiliya- kwategerezwa kwirindwa. Mu nsiguro yo mu mwaka wa 1846,IB 317.2

    Charles Beecher yavuze ko abakozi b’Imana « b’amashengero yamamaza ubutumwa y’aba protestanti batigishijwe gusa n’umwanya muremure bamaze bafise ubwoba kubwo gukandamizwa n'abantu, ariko n’ukuntu babayeho, bagendagenda kandi bahema impwemu z’ ahantu ibintu vyohumanya ku buryo budasubirwako, kandi bahamagarirwa isaha yose kuba boreka kamere yabo igahushana n’ukuri maze bagakubita ibipfukamiro imbere y’ubuhakanyi. None uko siko ibintu vyagenze i Roma? Ubuzima babayemwo sibwo natwe tubayemwo ? None ico tubona imbere ni igiki ? Iyindi nama rusangi ! Inama ihuza abamamaza ubutumwa hamwe n’ingingo y’ukwemera imwe kw’isi yose. (Sermon on “The Bible a sufficient creed,” delivered at Fort Wayne, Indiana, Feb. 22, 1846). Ivyo bimaze gushikwako, mu kugira utwigoro two guhurira ku kwemera rusangi, intambuko ikurikira izoba ari iyo gukoresha inguvu.IB 317.3

    Mu gihe amashengero aza imbere y’ayandi muri Leta zunze ubumwe za Amerika azoja hamwe kubwo ingingo z’ukwemera ahuriyeko, azoca agira ubwaku kuri Leta kugira ngo ashinge itegeko rirarikira abantu bose kwisunga imyizerere y’ayo mashengero mbere hamwe no kuyishigikira, ico gihe rero Amerika yari isanganywe ukwemera kw’aba protestanti izoba yakoze ishusho y’uburongozi bw’I Roma, kandi ingaruka ntabanduka yavyo ni ukuzofatira ibihano abatazokwemera gukurikiza ayo mategeko.IB 317.4

    Ico gikoko c’amahembe abiri: “Kigera ko bose, aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi n’aboro, n’abidegemvya n’abagurano, bashirvva kw’ikimenyetso ku kiganza c’iburyo canke mu ruhanga: kandi ko hatogira umuntu yemererwa kugira ic’ agura canke ic’ashora, atar’ufise ico kimenyetso, n’ico zina rya ca gikoko cank’igitigiri c’izina ryaco.”(Ivyahishuriwe Yohana 13: 16, 17) Imburi y’umumarayika wa gatatu ni iyi ngo: “Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco; akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana.” (Ivyahishuriwe Yohana 14:9, 10)”. “Igikoko” kivugwa muri ubu butumwa, gisengwa kubera abantu babigoberewe ni igikoko c’amahembe abiri, ni igikoko ca mbere canke ingwe yo mu Vyahishuriwe Yohana 13 - ubupapa. “Ishusho y’igikoko” igereranya ivyo ishengero giprotestanti rizohakorera igihe amashengero y’abaprotestanti azoba amaze kurondera ubufashaa ahawe n’ubutegetsi bw’igihugu kugira ngo ahimirize abantu kwubahiriza ivyizerwa vyayo. “Ishusho y’igikoko” iracarindiriye gushirwa ahabona.IB 317.5

    Inyuma y’iyo mburi ibuza abantu gusenga igikoko n’igishushanyo caco, ubuhanuzi buvuga buti: “Aha ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera Yesu” (Ivyahishuriwe Yohana 14:12). Kubera ko abitondera amabwirizwa y’Imana berekanwa ku buryo buhushanye n’abasenga igikoko hamwe n’igishushanyo caco kandi bakaronka ikimenyetso caco; inkurikizi y’ibi ni ukwo kwubaha amabwirizwa y’Imana ku ruhande rumwe; canke kuyakandagira, ku rundi, ni vyo bizoshiraho itandukaniro hagati y’abasenga Imana n’abasenga igikoko.IB 318.1

    Ikintu kidasanzwe kizoranga ico gikoko, hamwe rero n’ishusha yaco, ni ugukandagira amabwirizwa y’Imana. Ibi ni vyo Daniyeli yavuze ku gahembe gato, ubupapa: « Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe”( Daniyeli 7:25). Ikindi na Paulo avuga y’uko ubwo butegetsi ari « umuntu w’icaha » yishira hejuru y’Imana. Ubuhanuzi bumwe bwuzuriza ubundi. Ahantu honyene ubupapa bwari kwishira hejuru y’Imana nta handi atari ukurondera guhindura amabwirizwa y’Imana. Kandi uwo wese azohitamwo kwubahiriza amabwirizwa nk’uko azoba yahinduwe azoba ariko araha icubahiro kidasanzwe ubwo butware bwatumye habaho iryo hinduka - ukwo guha agaciro no kwubahiriza amabwirizwa ya papa azoba ari co kimenyetso cerekana ko uha icubahiro Papa aho kugiha Imana.IB 318.2

    Ubupapa bwaragerageje guhindura ibwirizwa ry’Imana. Ibwirizwa rya kabiri ribuza gusenga ibigirwamana ryarakuwe mu rutonde rw’amabwirizwa y’Imana, kandi n’ibwirizwa rya kane naryo ryarahinduwe kugira ngo abantu barekurirwe kwubahiriza umusi wa mbere (Dimanche) nk’ikiruhuko aho kwubahiriza umusi w’indwi mu ndwi. Ariko impamvu abayoboke ba Papa bashira imbere yatumye hakurwaho ibwirizwa rya kabiri, rikirengagizwa ngo ni uko ritagikenewe ngo kuko ribonekera mu rya mbere kandi ko amabwirizwa bayatanga neza na neza ku buryo Imana yipfuza ko atahurwa. Ukwo si kwo guhindura amabwirizwa kwavuzwe imbere y’igihe n’umuhanuzi ? Bibiliya yerekana yuko ukwo guhindura amabwirizwa ari ikintu ciyumviriwe kandi kigakorwa nkana : « Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe ». Ihindurwa ry’ibwirizwa rya kane ryashikije ubuhanuzi kuko ishengero ni ryo ryemanze rivuga ko ryarihinduye. Aha ni ho ubutegetsi bwa Papa bwagaragaje ko bwishize hejuru y’Imana.IB 318.3

    Mu gihe abasenga Imana bazobonekera ku kuntu bubahiriza ibwirizwa rya kane - kubera yuko Isabato ari ikimenyetso c’ubushobozi bwayo bwo kurema hamwe n’igishingira intahe umuntu agira mu kuyisenga no kuyubaha - abasenga igikoko bo bazomenyekanira ku twigoro bagira two gukandagira urwibutso rw’umuremyi, gushira hejuru ishengero ry’i Roma. Ubwa mbere na mbere ubupapa bwerekanye ko bwishira hejuru, bwabikoze bushira imbere umusi wa mbere w’indwi ; kandi ikintu ca mbere bwasabiye ubufasha bw’abatware b’igihugu kwari uguhimiriza abantu ngo umusi w’iyinga bawubahe « nk’ umusi w’Umwami ». Ariko rero Bibiliya umusi yerekana ko ari umusi w’umwami ni umusi w’indwi (Samedi), si umusi wa mbere (Dimanche). «Nico gituma Umwana w’umuntu ari Umwami w’isabato nayo (Mariko 2: 28)” Ibwirizwa rya kane rivuga riti: « Umusi w’indwi ni yo sabato y’Umwami. » Kandi abicishije ku wavugishwa n’Imana Yesaya, Umwami yita Isabato « Umusi wanje wera ». (Yesaya 58:13)IB 318.4

    Ikintu gikunze gushirwa imbere yuko Kristo yahinduye Isabato ntigishigikiwe n’amajambo yiwe bwite. Mu nsiguro yashikirije ari ku musozi Elayono, yaravuze ati : « Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’amajambo y’abavugishwa nimana. Sinaje kubisenyura naje kubishitsa. Ndababwire ukuri, gushitsa ah’ijuru n’isi bizoviraho nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe gushika aho vyose bizoheraherezwa. Nuk’uzorenga ibwirizwa na rimwe ryo muyoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire batyo mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’uyitondera akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru.»(Matayo 5: 17-19)IB 319.1

    Ni ikintu muri rusangi cemewe n’abaprotestanti ko ata hantu mu Vyanditswe havuga ko Isabato yahinduwe. Ibi biragaragara icese mu vyandiko bisohorwa n’aya mashirahamwe: « American Tract Society » hamwe na « American Sunday School Union ». Kimwe muri ivyo bitabo kiremeza ko ‘isezerano rishasha ata hantu na hamwe rivuga ko Isabato yoba yimuriwe ku wa mbere w’imisi ndwi(Dimanche), canke ngo ritange amategeko yo kuruhuka kuri uwo musi wa mbere w’imisi ndwi. ‘’George Elliatt, the Abiding Sabbath, page 184).IB 319.2

    Uwundi mwanditsi yaravuze ati: “Gushitsa igihe Yesu yapfa, nta hinduka na rimwe ry’imisi ryabaye” kandi nk’uko ivyanditswe bivyerekana, intumwa ntaco zahinduye... nta n’itegeko riboneka zoba zaratanze rirarikira abantu guheba umusi w’isabto maze hakubahirizwa umusi wa mbere mu ndwi. (A.E.Waffle, the Lord’s day, pages 186-188)IB 319.3

    Abakatorika baremera yuko Ishengero ryabo ryoba ari ryo ryahinduye Isabato kandi bavuga ko iyo abaprotestanti bubahiriza umusi wa mbere w’imisi ndwi(Dimanche), baba bariko baremera ububasha bw’ishengero Gatolika. Mu gitabo ca katikisimu c’umwepisikopi w’i Montpellier (Catholic catechism of Christian Religion), ku nyishu y’ikibazo cari kibajijwe cerekeranye n’umusi wo kwubahiriza kugira ngo dushire mu ngiro ibwirizwa rya kane, aya majambo niyo yashikirijwe: “Mu gihe c’ibwirizwa rya mbere, umusi w’indwi ni wo musi wahezagiwe; ariko Ishengero, rivyigishijwe na Yesu kristo kandi rirongowe na Mpwemu w'Imana, ryasubirije umusi w’indwi umusi wa mbere w’iyinga; rero ubu twubahiriza umusi w’indwi. Ico umusi wa mbere w’imisi ndwi usigura hamwe n’ico uri ubu, ni umusi w’Umwami ”IB 319.4

    Nk’ikimenyesho c’ububasha bw’ishengero Gatolika, abanditsi bashigikiye ubupapa bavuga yuko “kubona isabato bayimurira ku musi wa mbere w’imisi ndwi, ikintu abaprotestanti bemera... kuko igihe baruhuka ku musi wa mbere w’imisi ndwi, baba bariko barerekana ko bemera ububasha bw’ishengero gatolika bwo kugena imisi mikuru, no gusaba ko yubahirizwa kugira ngo umuntu yirinde gucumura” (Henry Tuberwille, an Abridgment of the Christian Doctrine, page 58). None rero ihindurwa ry’i sabato ni iki, uretse kuba ikimenyetso, ikintu cerekana ububasha bw’ishengero Gatolika ry’i Roma- “ikimenyetso c’igikoko?”IB 319.5

    Ishengero Gatolika ry’i Roma ntiririgera ritezura ku ciyumviro c’uko rifise ububasha, kandi igihe isi yose hamwe n’amashengero y’abaprotestanti bemeye kwubahiriza “isabato” ryashizeho, uwo musi baba bawuhaye agaciro kandi Isabato iboneka muri Bibiliya baba bayirengagije. Barashobora gushira imbere ububasha bw’imigenzo canke bw’abakurambere mu guhindura Isabato; ariko mu gukora ivyo baba birengagije ingingo nyamukuru ibatandukanya n’ishengero Gatolika ry’i Roma - ‘ko Bibiliya, Bibiliya yonyene ari ryo dini, ry’aba protestanti”. Abakatolika barashobora kubona ko bariko bihenda, mu guhitamwo ku gushaka kwabo kwihuma amaso ku kintu nk’iki kiboneka. Ukwo kurondera guhimiriza abantu ngo bubahirize umusi w’iyinga kurushiriza gushinga imizi, Ishengero Gatolika riranezerwa, kuko ribona ko ivyo bizotuma Abaprotestanti bose kw’isi bakoranirizwa hamwe munsi y’ibendera ry’ishengero ry’i Roma.IB 320.1

    Abakatolika bavuga ko “kubona abaprotestanti bubahiriza umusi wa mbere w’imisi ndwi, baba bahisemwo bo ubwabo kwubahiriza ubushobozi bw’ishengero Gatolika. (Mgr. Segur, Plain Talk About the Protestantism of Today, page 123). Kubona amashengero y’abaprotestanti ahimiriza abantu ngo bubahirize umusi w’iyinga baba bariko barabahimiriza ngo basenge ubupapa - ngo basenge igikoko. Abantu batahura ibisabwa n’ibwirizwa rya kane, ariko bagahitamwo kwubahiriza isabato y’ikinyoma babanje gushira ku ruhande isabato y’ukuri, baba bahaye icubahiro ubwo bubasha bwayihinduye. Ariko amashengero y’abaprotestanti igihe azokwifashisha inguvu z’ubutegetsi bw’ibihugu kugira ngo ashike ku ngingo runaka ijanye n’ivy’idini, ayo mashengero ubwayo azoba ahindutse igishushanyo c’igikoko. Bigaragara rero ko guhimiriza abantu ngo baruhuke ku wa mbere w’imisi ndwi muri Leta zunze ubumwe z’Amerika azoba ari ukubahimiriza ngo basenge igikoko n’ishusho yaco.IB 320.2

    Ariko rero abakristo bo mu runganwe rwarenganye barubahirije umusi wa mbere w’imisi ndwi, biyumvira ko muri ubwo buryo bariko barubahiriza isabato ivugwa muri Bibiliya; kandi no muri kino gihe, hariho abakristo b’ukuri mw’ishengero ryose, n’ishengero Gatolika ririmwo, bemera ata buryarya ko umusi wa mbere w’imisi ndwi ariyo Sabato Imana yashizeho. Imana iremera intumbero yabo itarangwa n’uburyarya hamwe n’ukuntu ari abantu b’inyankamugayo imbere yayo. Ariko rero igihe hazobaho itegeko rihimiriza abantu bose gusenga ku wa mbere w’imisi ndwi(Dimanche), kandi isi yose ikazoba yararonse umuco ukwiye werekeranye n’ivyo isabwa kubw’isabato y’ukuri, ico gihe, uwo wese azokandagira ibwirizwa ry’Imana, akarikaba no kwubahiriza itegeko ata bundi butware bwaritanze uretse ishengero ry’i Roma, azoba ahaye Papa icubahiro hejuru y’Imana. Azoba yubahiriza ishengero ry’i Roma hamwe n’itegeko ryashinze - azoba ariko asenga igikoko n’igishushanyo caco. Mu gihe rero abantu bazoba bahakanye ikintu Imana yavuze ko ari ikimenyetso c’ububasha bwayo, bazoba muri ico kiringo bahisemwo kwubahiriza ishengero ry’i Roma, “igishushanyo c’igikoko”. Iki kibazo kitarashirwa imbere y’abantu ku buryo bugaragara, kugira ngo babone ko bategerezwa guhitamwo hagati y’amategeko y’Imana n’amategeko y’abantu, abazobandanya bakandagira amabwirizwa y’Imana ni bo “bazoshirwako ikimenyetso c’igikoko”.IB 320.3

    Imburi ihambaye cane kandi iteye ubwoba, ari nayo yahawe abantu ni iyanditswe mu butumwa bw’umumarayika wa gatatu. Igicumuro gikwega uburake bw’Imana butagira impuhwe na nkeya, ntawokekeranya kw’atari icaha rwose. Ntibishoboka ko abantu barekerwa mu mwiza batamenyeshejwe ico kintu gihambaye. Imburi y’ico caha itegerezwa guhabwa ab’isi bose igihe c’urubanza rw’Imana kitarashika, kugira ngo bose bamenye igituma urubanza rucibwa, ngo bamenye ingene bokwikingira igihano. Ubuhanuzi bumenyesha ko umumarayika wa mbere azoshikana ubutumwa bwiwe « ku mahanga yose, n’imiryango yose, n’indimi zose, n’amoko yose. » Imburi y’umumarayika wa gatatu igize bumwe mu butumwa bw’abamarayika batatu, ikwiriye nayo kumenyekana hose. Ubuhanuzi bwerekana ko yashikirijwe n’umumarayika, n’ijwi rirenga, yatiriye ijuru, kandi ko isi yose isabwa kuyitwararika.IB 321.1

    Kw’iherezo ry’iyi ntambara ikomeye hazoba abantu b’imirwi ibiri itandukanye rwose. Umurwi wa mbere ugizwe n’ “abasenga ca gikoko n’igishushanyo caco, bakemera kw’ ikimenyetso caco candikwa mu ruhanga rwabo;” Umurwi wa kabiri ugizwe n’ “abitondera amabwirizwa y’Imana n’ukwizera Yesu.” Nubwo ishengero rizoshira hamwe n’ubutegetsi bw’ibihugu kugira ngo: “bagere ko abantu bose, aboroshe n’abahambaye, abatunzi n’aboro, abidegemvya n’abagurano, bashirweko ikimenyetso” (lvyahishuwe 13: 16, 17) ariko abantu b’Imana ntibazokwemera kugishirwako.” Umuhanuzi w’i Patimo yeretswe : “abatabarutse banesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’lmana. Baririmba indirimbo ya Mose, umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi.”Ivyahishurwe Yohana 15:2, 3”.IB 321.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents