Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 40: Paulo Yiyambaza Kayisari

    lki kigabane Gishimikiye ku Vaykozwe 25:1-12.

    «Nuko Fesito ashikiriye intara amara gatatu, araheza ava i Kayisariya aduga i Yerusalemu. Abaherezi bakuru n'abahambaye bo mu Bayuda bamuregako Paulo, baramwinginga, bamusaba kubagirira neza kuri uyo, ngo amutumeko, aze i Yerusalemu.» Mu kumusaba batyo bari bagendereye kubundira Paulo ngo bamutsinde mu nzira ija i Yerusalemu bamwice. Ariko Fesito yari azi igikorwa ashinzwe n'igihagararo ciwe, maze mu bupfasoni yanka kurungika Paulo. Ababwira ati, «Si umugenzo w'Abaroma gutanga umuntu uwo ari we wese, uwuregwa atabanje kuba kumwe n'abamureze imbonankubone, no kubona uburyo bwo kwiregura ibirego bamureze.» Yavuze ko «na we ubwiwe agiye kuja i Kayisariya vuba.» «Nuko rero... ababishoboye nibamanuke tujane, namba hari ikibi kiri muri uyu mugabo bakimurege.»Iki si co Abayuda bashaka. Ntibari bibagiye ingene batashe zirayoye i Kayisariya. Imbere y’ umutima utekanye n'amajambo ntahinyuzwa y'iyo ntumwa, umutima wabo w'ubudyadya n'ibirego vyabo bitagira umutwe n'amaguru noneho vyari kwigaragaza bikabije. Bongera gusaba ko Paulo aja gucibwa urubanza i Yerusalemu, ariko Fesito ntiyava ku ntumbero yiwe yo gucira urubanza rubereye i Kayisariya. Imana mu burongozi bwayo yategeka ingingo ya Fesito, kugira iyo ntumwa ibe iramaze kabiri. Babonye imigambi yabo ipfuye, Abakuru b'Abayuda buno nyene bitegura kurega Paulo muri sentare y'icegera ca Kayisari. Amaze imisi agarutse i Kayisari, inyuma y'imisi mike yabaye i Yerusalemu, Fesito «bukeye bw'aho yicara ku ntebe y'imanza avuga ko bazana Paulo.» «Abayuda bamanutse bava iIN 223.1

    Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza. Kubera ko batari bafise uwubaburanira, Abayuda bahisemwo kwironderera ibirego vyabo. Ubwo urubanza rwabandanya, uwo aregwa yerekanye n'ubwitonzi n'umutima mu nda ko ivyo bamurega ari ibinyoma.IN 223.2

    Fesito yabonye ko ivyo bamurega biraba ivyagezwe vy'Abayuda, kandi ko umuntu abitahuye neza, ata kintu mu vyo barega Paulo, bashobora kuronkera ivyagirizi vyotuma acirwa urwo gupfa canke ngo apfungwe. Ariko yabonye neza umuriro wokwaka igihe Paulo atotsindishwa canke ngo amubarekurire. Nuko kugira «yikundirize Abayuda,» Fesito agaruka kuri Paulo, amubaza ko yokwemera kuja i Yerusalemu musi y'uburinzi bwiwe, ngo acirwe urubanza na Sentare Nkuru y'Abayuda. Iyo ntumwa yari izi ko ata butungane yiteze kuronka ku bantu ku bwo ubwicanyi bwabo bariko barikwegera uburake bw'Imana. Yari azi ko, nk'uko vyabaye ku wavugishwa n'Imana Eliya, vyoba vyiza ababarijwe hagad y'abapagani kuruta kubabarizwa hagati y'abateye umugongo umuco uva mw'ijuru kandi bagakomantaza unitima yabo imbere y'ubutumwa bwiza. Aruhijwe n'imitongano, abona ko atokwihanganira kuguma arindirizwa n'urubanza atabona iherezo ryarwo hamwe n'umunyororo. Nuko ahitamwo gukoresha uburenganzira bwiwe bw'Umuroma, bwo kwitwara kuri Kayisari.IN 224.1

    Ku kibazo C'icegera ca Kayisari, Paulo yishuye ati: «Mpagaze aha imbere y'intebe y'imanza ishinzwe na Kayisari, niho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza. Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namba ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.» Fesito nta na kimwe yari azi ku migambi y'abayuda yo kwica Paulo, ni ko gutangazwa no kwumva ko ashaka kwitwara kuri Kayisari. Ariko amajambo y'iyo ntumwa yahagaritse ivy'urwo rubanza. «Fesito amaze kuja inama n abanyekombe, aramwishura, ati Ko ugomvye kwitwara kuri Kayisari, imbere ya Kayisari ni ho uzoja.» Uku ni ko kandi, bivuye ku rwanko rutewe n'ugutwarira hejuru kw'idini, no kwibona nk'abagororotsi, umusuku w'Imana yarungitswe kurondera uburinzi ku bapagani. Urwanko nk'urwo ni rwo rwatumye uwavugishwa n'Iman Eliya ahunga ngo aronkere ubufasha ku mupfakazi w'i Zarefati: Kandi ivyo vyatumye biba ngombwa ngo abamamaza ubutumwa bwiza bareke Abayuda maze baje kuvuga ubutumwa bwabo mu banyamahanga. Kandi uru rwanko, abantu b'Imana bo muri uru runganwe bazohura na rwo. Benshi mu biyita abigishwa ba Kristo barimwo ubwibone nk'ubwo, idini y'imigenzo, n'ukwikunda, wa mutima wo guhohotera abandi wari waratse indaro mu mitima y'Abayuda. ‘ Muri kazoza, abantu biyita ivyariho vya Kristo bazokurikira inzira nk'iyo abaherezi n'abaganza bakurikiye mu kugirira nabi Kristo n'intumwa. Mu kaga bagiye gucamwo vuba, abasuku bayoboke b'Imana bazohura n'ubukomantare bw'umutima, ubwicanyi nk'ubwo butagondozwa, n'urwanko nk'urwo rutisubirako.IN 224.2

    Abo bose kuri uwo musi mubi bazokorera Imana badatinya bagakurikiza amategeko y'umutima-nama wabo, bazokenera ubushizi bw'amanga, guhagarara bashikamye, n'ugutahura ubugombe bw'Imana n'ijambo ryayo; kuko abazohitamwo kwumira ku Mana bazohamwa, imvo zabo bazozikekeranya, utwigoro twabo duhambaye bazotwiyumvira ukutari ko, amazina yabo ahanagurwe nk'ayo abanyakibi. Satani azokora n'ubushobozi bwiwe bwose bw'ubuhendanyi ngo yoshe abantu kandi ahuvye ugutahura kwabo, kugira ngo ikibi kiboneke nk'iciza, n'iciza kiboneke nk'ikibi. Uko ukwizera kw'abantu b'Imana kuzoba gukomeye kandi kutagira agasembwa, n'ugushikama kwabo mu kuyigamburukira, ni ko Satani azosara mu kugerageza kubasukako uburake bwa barya bantu, biyita abagororotsi ariko bahonyanga ivyagezwe vy'Imana. Hazokenerwa ukwizigira kutayegayega, ubutwari, na kwa kwizera gukomeye kwahabwa aberanda ba mbere.IN 225.1

    Imana yifuza ko abantu bayo bitegurira akaga kagiye kuza. Bitegura, batitegura, bazohura na ko; kandi abo bonyene bigenjeje mu buzima bwabo nk'uko igipimo c'Imana gisaba, ni bo bazoshikama mu gihe c'igeragezwa n'imibabaro. Igihe abategetsi b'isi baziyunga n'abarongozi b'idini ngo batange amategeko mu biraba umutima-nama, aho ni ho hazobonekera abatinya vy'ukuri Imana n'abayikorera. Igihe umwiza uzocura kuruta ibindi bihe, ni ho umuco wa kamere y'Imana uzokayangana gusumba ibindi bihe. Igihe ibindi vyizigiro vyose bizohera, ni ho hazoboneka ababitse ivyizigiro kuri Yehova. Kandi igihe abansi b'ukuri bazosagiriza ku mpande zose, bagenza abasuku b'Uhoraho ngo baronke ikibi babarega, Imana izobagenzura ngo ibabonemwo iciza. Izobabera nk'igitutu c'igitandara kinini co mu bugaragwa.IN 225.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents