Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 6: Kw'irembo Ry’ Urusengero

    Iki kigabane gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 3; 4:1-31.

    Abigishwa ba Kristo bariyumvamwo ko hari ivyo bahajije, hanyuma, mu kwicisha bugufi no mu gusenga, bafatanya intege nke zabo n'inkomezi ziwe, ukutamenya kwabo bagufatanya n'ubwenge bwiwe, kuba abatabereye babifatanya n'ubugororotsi bwiwe, ubworo bwabo babufatanya n'ubutunzi bwiwe butagira urugero. Muri izo nkomezi n'ubumenyi, ntibakekeranije mu gutera baja imbere mu gikorwa c'Umwigisha.IN 29.2

    Inyuma gato Mpwemu Yera amaze kumanuka, kandi bamaze gusenga bashimitse, Petero na Yohana, bariko baraduga bagana ku rusengero gusenga, babonye kw'irembo ry'urusengero ryitwa Ryiza ikimuga, gifise imyaka mirongo ine, kuva akivuka, yamanye imibabaro n'ubumuga. Uwo muntu w'amahirwe make yari yarifuje kubona Yesu, ngo abone gukira; ariko yasa n'uwihebuye, kandi yaba kure y'ibikorwa vy'Uwo Muganga Karuhariwe. Ku bwo gutakamba kwiwe, vyaratevye bamwe mu bagenzi biwe bemera kumuzana kw'irembo ry'urusengero, ariko ahashitse asanga uwo yari yashizeko ivyizigiro bamwishe urwo agashinyaguro.IN 29.3

    Ukwihebura kwiwe kwateye akagongwe k'abari bazi igihe yamaze yizigiye ko Yesu yomukiza, niko ku muzana buri musi kw'irembo ry'urusengero, ngo abarengana bagire impuhwe bamuhe akantu gato ko guhumuriza ivyifuzo vyiwe. Petero na Yohana barenganye abasaba ubufasha. Abigishwa bamurabana impuhwe, hanyuma Petero avuga ati, «N'uturabe. Abashirako umutima agira ngo hari ico bamuha. Petero aramubarira, ati ifeza n'izahabu ntavyo mfise.» Ubwo Petero yemanga ubukene bwiwe, mu maso ha ca kimuga hariraburanirwa. Ariko ivyizigiro vyariyongeye iyo ntumwa ibandanije kuvuga, «Ariko ico mfise ndakiguha: Mw'izina rya Yesu Kristo w'i Nazareti, va hasiIN 30.1

    utambuke.» Maze amufata ukuboko kw'i buryo, amukura hasi. Ako kanya nyene ibirenge vyiwe n'ingingo zavyo bica birakomera, arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana : abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana, bamenya ko ko aro we yahora yicara kw'irembo ry'urusengero ryitwa Ryiza asegerereza; barumirwa cane, batangazwa n'ibimubayeko.»IN 30.2

    «Ubwo uwo mugabo w'ikimuga yakize yari agifashe Petero na Yohana, abantu bose biruka kuri bo, bakoranira kw'ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane.» Batangajwe n'uko abigishwa bashobora gukora ibitangaza bisa n'ivyo Yesu yakoze. None raba uwo mugabo, yamaze imyaka mirongo ine ari ikimuga cihebuye, ubu akaba yigina kubera ko ashobora gukoresha ingingo ziwe zose, ata buribwe, kandi anezerewe no kwizera Yesu. Abigishwa babonye ingene abantu bajorewe, Petero arababaza ati, «Ni iki gitumye mutangazwa n'ibi ? Muduhangiye amaso iki, nk'aho ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha ?» Abemeza ko gukira kwabaye mw'izina no mu bikorwa vya Yesu w'i Nazareti, Uwo Imana yazuye mu bapfuye. lyo ntumwa ivuga iti, «Yizeye izina ry'uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi, uwo muzi kandi mubona : mbere ukwizera ahawe nawe, ni ko kumukirije rwose imbere yanyu mwese.»IN 30.3

    Intumwa zavugiye ku mugaragaro icaha Abayuda bakoze mu kutakira nomu kwica Umwami w'ubugingo; ariko baririnze kubatera kwihebura. Petero yavuze ati, «Mwihakanye Uwera kandi Umugororotsi; «Kandi musaba ko babarekurira umwicanyi, wa Mwami w'ubugingo muramwica; ariko Imana imuzura mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.» «None rero Bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n'ababaganza nabo ni uko. Ariko, kuko ivyo Imana yavugiye mu kanwa k'abavugishwa nayo bose bitari bwabe, yuko Kristo Wayo azobabazwa, ivyo yabishikije ityo.» Yababwiye ko Mpwemu Yera ariko arabinginga ngo bihane kandi bahindukire, yongera abemeza ko ata handi hari ivyizigiro vy'agakiza kiretse mu kigongwe c'Uwo babamvye. Mu kumwizera niho gusa ivyaha vyabo vyashobora guharirwa.IN 30.4

    «Nuko mwihane, muhindukire,» asemerera ati, «Kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe; ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z'Umwami Imana.» Namwe muri abana b'ababavugishwa n'Imana, kandi muri ab'isezerano Imana yasezeranye na basogokuruza banyu, ibwira Aburahamu, iti Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw'isi izoherwa umugisha. Ni mwebwe Imana yatanguye gutumako Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngo abe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.» Abigishwa rero baramamaje izuka rya Kristo. Benshi mu babumvirije bari barindiriye iki gishingantahe, maze bacumvise, barizera. Vyabibukije amajambo Kristo yari yaravuze, baca bahitamwo kwifatanya n'abari barakiriye ubutumwa bwiza. Imbuto Umukiza yari yarabivye yarameze kandi yama ivyamwa. Abigishwa bakivugana n'abantu, «abaherezi bazanana aho bari n'umukuru w'abarinzi b'urusengero, n'Abasadukayo, bababajwe cane n'uko bigisha abantu, bababarira yuko ukuzuka kw'abapfuye kwabonetse kuri Yesu.»IN 31.1

    Kristo amaze kuzuka, abaherezi bakwije kure na hafi ikinyoma ngo abigishwa bivye ikiziga ciwe igihe abarinzi b'Abaroma bari basinziriye. Ntibitangaje ko bashishwa no kwumva Petero na Yohana bamamaza izuka ry'Uwo bari bishe. Abasadukayo cane cane nibo bameze magabo. Bumvise ko inyigisho yabo nyamukuru igiye mu kaga, kandi ko abantu bagiye kubakurako icizere. Abahindukiriye uko kwizera gusha bakomeza kwiyongera, maze baba Abafarisayo canke Abasadukayo, bahuriza hamwe bati aba bigisha bashasha nitutabagenzura, ububasha bwacu buzogeramirwa kuruta igihe Yesu yari akiri kw'isi. Umukuru w'abarinzi b'urusengero nawe, afashijwe n'Abasadukayo bamwe, afata Petero na Yohana abaterera mw'ibohero, kuko bwari bumaze kugoroba, batagishobora kubacira urubanza.IN 31.2

    Abansi b'abigishwa nta kundi bari kubigenza kiretse kwemera ko Kristo yazutse. Vyaragaragara ku buryo ata wari gukekeranya. Ariko, bakomantaje imitima yabo, banka kwihana ikibi c'ubuyobe bari barakoze mu kwica Yesu. Ivyemezo intumwa zatanga mu mvugo no mu ngiro bahumekewe vyari vyashikiye abategetsi b'Abayuda, ariko barikomantaza imitima, banka kwakira ubutumwa bw'ukuri. Kristo ntiyari yaje mu buryo bari biteze, kandi naho rimwe na rimwe bari bemeye ko yari Umwana w'Imana, barabirenzeko baramubamba. Ku bw'imbabazi zayo, Imana yakomeje kubaha ivyemezo, none raba, akandi karyo bahawe ko kuza kuri We karabonetse. Yarungitse abigishwa kubabwira ko bishe Umwami w'ubugingo, kandi muri ico kirego yarongeye ibahamagarira kwihana. Ariko kubera kwiremesha bibwira ko ari abagororotsi, abigisha b'Abayuda baranse kwemera ko abo bantu babatunga agatoke ngo babamvye Kristo, bavuga barongowe na Mpwemu Yera.IN 31.3

    Kubera ko biyemeje kurwanya Kristo, uko bakomantaza umutima, ni ko abo baherezi baronka inkomezi nsha zo kubandanya intumbero yabo. Ingingo yabo ikomeza kuba ntabanduka. Nti bisobanura ko batari kuva ku rizima, ahubwo ntibabishatse. Kuba bagirwa n'icaha kandi babereye upfa, kuba barishe Umwana w'Imana, si vyo vyonyene vyabatandukanije n'agakiza; ni uko biyemeje kurwanya Imana. Bakomeje kwanka kwakira umuco, kandi bazibiza ivyemezo vya Mpwemu. Ububasha butegeka abana b'umugararizo bwakoreye muri bo, bubarongora guhama abantu Imana yakoreramwo. Ubugome bwabo bwongerezwa n'ikintu cose bakora ngo barwanye Imana n'ubutumwa yari yahaye abashumba bayo ngo babwamamaze. Buri musi, uko banka kwihana, niko abarongozi b'Abayuda bagabitanya ukundi gusha, bakitegurira kwimbura ivyo babivye.IN 32.1

    Uburake bw'Imana ntibuza ku banyavyaha banse kwihana ivyaha bakoze gusa, ariko ni kubera ko, igihe bahamagarirwa kwihana, babandanije gukomantaza umutima, basubira gukora ivyaha bari bakoze hambere aho, bakengera umuco bahawe. Iyo abarongozi b'Abayuda bumvira ubushobozi bwa Mpwemu Yera bubemeza icaha, bari kubabarirwa; ariko barinangiye umutima. Muri ubwo buryo, umunyavyaha, abandanije gukomantaza umutima, aba yishize aho Mpwemu Yera adashobora kumukorako. Umusi wakurikiye gukizwa kwa ca kimuga, Anasi na Kayafa, n'abandi banyacubahiro b'urusengero, barakoranye ngo bace urubanza, maze za mbohe zizanwa imbere yabo. Ni muri ico cumba nyene, n'imbere ya bamwe muri abo bagabo, Petero yari yihakanye Umwami wiwe mu buryo buteye isoni. Ivyo vyaciye biza mu mutima wiwe arengutse ngo nawe acibwe urubanza. Ico gihe yaboneyeho akaryo ko gucungura ivyo yakoze ku bwoba.IN 32.2

    Abari aho bibutse uruhara Petero yari yagize mu rubanza rw'Umwigisha wiwe, baciye birya akara bibwira ko noneho aca aterwa ubwoba n'umunyororo n'urupfu. Ariko wa wundi Petero yihakanye Kristo mu gihe c'akaga, yahagaze ata bwoba, atandukanye cane na wa wundi Petero bari bazanye imbere y'urwego rukuru rw'ubucamanza. Uhereye ukugwa kwiwe yari yahindutse. Nti yari aciyernera canke yishira hejuru, ahubwo yariyorosha, kandi yuzuye Mpwemu Yera, kandi ku bwo gufashwa n'ubwo bushobozi, yiyemeje kwiyambura ibara ry'ubuhakanyi bwiwe, mu gutera iteka izina yari yaratukishije. Kugeza ubu abaherezi bari birinze gucisha mu kanwa ivyo kubambwa no kuzuka vya Yesu. Ariko noneho, kugira bashike ku ntumbero yabo, vyabaye ngombwa ko babaza abo bagirizwa ingene uwo mugabo yakize ubumuga bwiwe. Barababaza bati, «Ni ubushobozi ki, canke n'izina ki, vyabateye gukora ivyo ?»IN 32.3

    Petero n'ubushizi bw'amanga bwera, afise n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera ababwira ata bwoba ati: «Nimumenye mwese, n'ubwoko bwose bw'Abisirayeli, yuko ari mw'izina rya Yesu Umunyanazareti, Uwo mwebwe mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, ko ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. Uwo niwe buye mwebwe abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka. Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina musi y'ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirrizwamwo.» Uku kwiregura ashize amanga gutangaza abarongozi b'Abayuda. Bari bibwiye ko abigishwa bazogira ubwoba kandi bakazazanirwa bashitse imbere y'urwego rukuru rw'ubucamanza. Ariko bavuga nk'uko Kristo yavuga, bavugana ubushobozi bwatumye ababarwanya babura ico basubiza. Nta n'ikanda ry'ubwoba mw'ijwi rya Petero igihe yemangira Kristo ati, «Uwo niwe’ buye mwebwe abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.»IN 33.1

    Petero yakoresheje hano imvugo ngereranyo abaherezi bamenyereye. Abavugishwa n'Imana bari baravuze ivy'ibuye ryatituwe; kandi Kristo ubwiwe, rimwe na rimwe yarigeze kubwira abaherezi n'abakurambere ati : «Ntaho murasoma mu Vyanditswe ngo ibuye abubatsi bagaye niryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k'Uhoraho, kandi n'igitangaza mu maso yacu ? Nico gitumye ndababwira ko ubwami bw'Imana muzobwakwa, bugahabwa ihanga ryama imbuto zabwo. Ariko uwuzogwa kuri iryo buye azovunagurika; ariko uwo rizogwako rizomuvungura.» Matayo 21 :42-44. Abaherezi babonye ugushira amanga kw'intumwa «bamenya ko babana na Yesu.» Ku vyerekeye abigishwa, Kristo amaze guhinduka ukundi, handitswe ko inyuma y'ico gitangaza «ntibagira uwundi babona, atari Yesu wenyene.» Matayo 17:8. «Yesu wenyene.» Muri aya majambo harimwo ibanga ry'ubuzima n'ubushobozi vyaranze ishengero rya mbere. Ubwa mbere abigishwa bumvise amajambo ya Kristo, baciye bumva ko bamukeneye. Baramurondeye, baramuronse, baramukurikira. Bari kumwe nawe mu rusengero, ku meza, ku nkengera y'umusozi, mu murima. Bari nk'abigishwa bari kumwe n'umwigisha, buri musi bamuronkako inyigisho z'ubugingo budashira.IN 33.2

    Umukiza amaze kuduga mw'ijuru, bakomeje kwiyumvamwo ko Imana iri kumwe nabo, buzuye urukundo n'umuco. Vyasa nk'uko Yesu wenyene ari kumwe nabo amaso mu yandi. Yesu, Umukiza yari yagendanye nabo, akavugana nabo, agasengana nabo, yari yababwiye amajambo y'ivyizigiro kandi ahumuriza imitima, yari yabakuwemwo ajanwa mw'ijuru, ubwo butumwa bw'amahoro bukiri mu kanwa kiwe. Ubwo umukogote w'abamarayika wamwakira, bumvise amajambo yiwe,» Ehe ndi kumwe namwe imisi yose, gushika ku muhero w'isi.» Matayo 18 :2o. Yaduze mw'ijuru mw'ishusho y'umuntu. Batahuye ko ari imbere y'intebe y'ubwami bw'Imana, agakomeza kuba Umugenzi n'Umukiza; batahuye ko impuhwe ziwe zitahindutse; ko ibihe vyose azokwifatanya n'abantu bari mu mibabaro. Baratahuye ko ariko arashikiriza imbere y'intebe y'Imana igikorwa c'amaraso yiwe, yerekana inkovu z'ibiganza n'ibirenge vyiwe. Nk'icibutso c'ikiguzi yatanze ku bwo abacunguwe; kandi ico cibutso carabakomeje ngo bihanganire guhamwa ku bwiwe. Ubumwe bwabo bwari bukomeye kuruta igihe yari kumwe nabo mu mubiri. Umuco n'urukundo n'ubushobozi vya Kristo muri bo vyarabakayanganako, ku buryo abantu babibona, batangara.IN 33.3

    Kristo yashize ikidodo ku majambo Petero yavuze yiregura. I ruhande y'uwo mwigishwa, wa mugabo yari yakize mu buryo bw'igitangaza, yari ahagaze nk'icabona ntahinyuzwa. Kuboneka kw'uyu mugabo, mu masaha aheze yari ikimuga cihebuye ubu akaba yakize, kwongereje uburemere bw'igishingantahe c'amajambo ya Petero. Abaherezi n'abarongozi ubwanwa bwarafutse umunwa. Ntibashoboye kuvuguruza amajambo ya Petero, ariko naho vyabaye uko, bahisemwo kwihanikiriza inyigisho z'intumwa. Igitangaza rurangiranwa-izuka rya Lazaro-catumye abaherezi bafata ingingo yo kuzimanganya Yesu n'ibikorwa vyiwe bitangaje, vyariko biratuma ububasha bafise ku bantu bugera ahanyerera. Bari bamubamvye; ariko noneho habonetse icemezo ntahinyuzwa cerekana ko batari bahagaritse ibitangaza vyakorwa mw'izina ryiwe, canke ngo babuze kwamamara kw'ukuri yigishije. Gukira kw'ikimuga, n'inyigisho z'intumwa, vyari vyatumye Yerusalemu igwa mu gahundwe.IN 34.1

    Kugira ngo bahishe ibimaramare vyabo, abaherezi n'abaganza bategetse ko intumwa zibataramukira, ngo babone ingene boja inama. Bose bumvikana ko guhakana ko uwo muntu yakize ataho vyobashikana. Biyumviye gufukafukisha ikinyoma ico gitangaza, ariko ntivyari gushoboka, kuko cari cakozwe izuba ryaka, imbere y'isinzi ry'abantu, kandi ibihumbi n'ibihumbi bari bamaze kubimenya. Biyumviriye bati igikorwa c'abigishwa gitegerezwa guhagarikwa, naho bitabaye bityo Yesu agiye kwirundanirizako abantu. Akabo kazoba gashitse, kuko bazokwagirwa n'uko bishe Umwana w'Imana. Ariko naho nyene abaherezi bifuje kurandura abo bigishwa, ntibubahutse kugira ico bakora, kiretse kubakangisha igihano ruhasha ni bakomeza kuvuga canke gukora mw'izina rya Yesu. Bongeye kubahamagara imbere y'Ubucamanza bukuru, bababuza kwongera kuvuga canke kwigisha mw'izina rya Yesu, ariko Petero na Yohana bishuye: «Namba ari vyiza mu maso y'Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye. Kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n'ivyo twumvise.»IN 34.2

    Vyari gushimisha abo baherezi guhana abo bagabo kuko batayegayega ku muhamagaro wabo wera, ariko batiaya abanyagihugu; «Kuko abantu bose bashima Imana ku vyo yakoze.» Baherako bahamagara intumwa, barazitonagura barazihanikiriza ngo ntibaze bigishe mw/izina rya Yesu, maze barazirekum Igibe Petero na Yohana bari mw'ibohero, abandi bigishwa, kuko bari bazi ububisha bw’ Abayuda, basenga urudaca ku bwa bagenzi babo, batinya ko ubunyamaswa beretse Yesu busubira. Bimo nyene zivuye mw'ibohero, intunrwa zarondeye abandi bigishwa ngo bababarire ingene vyagenze. Abizera baranezerewe cane, «bavuga n'ijwi rirenga babwira Imana n'umutima uhuye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n'isi, ikiyaga, n'ibirimwo vyose, kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, abivugisha Mpwemu Yera, uti abanyamahanga ni iki kibateye umuvurungano, n'amoko yagiriye ingingo iki ivy'ubusa? Abami bo mw'isi batonze urugamba, n'abakuru bakoraniye hamwe, kurwanya Uhoraho n'Uwo yarobanuje amavuta. Kandi vy'ukuri muri iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n'abanyamahanga n'imiryango ya Isirayeli, bakoranye kurwanya Umushumba wawe Yera Yesu, uwo warobanuje amavuta, ngo bashitse ivyo ukuboko kwawe n'inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoza. Kandi noneho, Mwami, raba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose: ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n'ibitangaza bikorwe mw'izina ry'Umwana wawe Yera Yesu.» Ivyakozwe n'Intumwa 4 :24-30. Abigishwa barasenze ngo bahabwe inkomezi zihambaye cane ku bw'igikorwa cabo; kuko babonye ko bazohura n'inzitizi nk'izo Kristo yahuye nazo igihe yari kw’ isi. Igihe, amasengesho yabo yaduga mw'ijuru yuzuye ukwizera, bararonse inyishu. Aho bari bakoraniye hahinze umushitsi, bongera kuronswa Mpwemu Yera. Imitima yabo yuzuye ubushizi bw'amanga, bongera bagenda kwamamaza Ijambo ry'Imana i Yerusalemu. «Intumwa zishingira intahe izuka ry'Umwami Yesu bafise ubushobozi bwinshi,» maze Imana ihezagira utwigoro twabo mu buryo butangaje.IN 35.1

    Ico abigishwa bahagazeko badatinya, igihe bababarira ngo ntibongere kuvuga mw'izina rya Yesu, «Namba ari vyiza mu maso y'Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye,» nico abahizi b'ubutumwa bwiza banse gutirimukako mu bihe yy'Ubugorozi. Igihe muri 1529 abatware b'Ubudagi bakoranira imbere y'Inama Nshingamateka y'i Sipiresi, umwami w'abami yashinze itegeko ribangamira umwidegemvyo w'idini, kandi ribuza kwongera gukwiragiza inyigisho z'ubugorozi. Mbega abo batware bari kugamburukira iryo tegeko ? Mbega umuco w'ubutumwa bwiza wari kubuzwa gushikira amasinzi y'abantu bakiri mu muzimagiza ? Ibibazo bihambaye biraba isi vyari imbere yabo. Abari baremeye ukwizera kw'Abagorozi, barakoranye, kandi ingingo ya bose yabaye : «Reka twiyamirize iri tegeko. Mu biraba umutimanama, igitigiri nyamwinshi ntigifise ubushobozi.» Merle d'Aubigne, History of the Reformation, book. 13, chap.5.IN 35.2

    Iyi ngingo niyo dutegerezwa guhagararako mu gihe cacu. Ibendera y'ukuri n'umwidegemvyo w'idini ryadugijwe n'abashinze umushinge w'ubutumwa bwiza n'ivyabona vy'Imana mu binjana vyahise, muri iyi ntambara iheruka, yashizwe mu maboko yacu. Kuzigama iyi ngabire ikomeye biri ku gatwe k'abo Imana yahezagije ubumenyi bw'Ijambo ryayo. Dusabwa kwakira iri jambo nk'ububasha burengeye vyose. Dutegerezwa gufata ubutegetsi bw'abantu nk'ubwashizweho n'Imana, kandi tukigisha kubugamburukira nk'igikorwa cera, tutarenze imbibe. Ariko, iyo ivyo busaba birwana n'ivyo Imana isaba, dutegerezwa kwubaha Imana kuyirutisha abantu. Ijambo ry'Imana ritegerezwa kumenyekana nk'iriri hejuru y'amategeko yose y'abantu. Ya majambo «Uku ni ko Uhoraho avuze», ntashobora gusubirizwa na «Uku niko Ishengero rivuze,» canke «Uku niko Leta ivuze.» Urugori rwa Kristo rutegerezwa gushirwa hejuru y'ingori z'abategetsi b'isi.IN 36.1

    Nti dusabwe kugambararira abategetsi. Amajambo yacu, yaba ayavugwa canke ayandikwa, ategerezwa kwitonderwa cane, bitabaye bityo, tuzoshirwa ku rutonde rw'abarwanya amategeko, n'abahungabanya umutekano. Nti dushobora kuvuga canke gukora ikintu ico arico cose cotwugarira inzira bidakenewe. Dutegerezwa kuja imbere mw'izina rya Kristo, turwanira ukuri twashinzwe. Bishitse abantu bakatubuza gukora iki gikorwa, aho niho tuzovuga nk'intumwa, tuti «Namba ari vyiza mu maso y'Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye. Kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n'ivyo twumva.IN 36.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents