Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 58: Ishengero Ryatsinze

    Ibinjana birenga cumi n'umunani vyararenganye kuva intumwa ziruhutse ibikorwa vyazo, ariko inkuru y'ibikorwa vyazo n'ukwitanga kwazo ku bwa Kristo kiracari mu bigize ubutunzi buhambaye bw'ishengero. Iyi nkuru, yanditswe mu burongozi bwa Mpwemu Yera, yabitswe ngo ihimirize abigishwa ba Kristo bo mu bihe vyose kwongereza ubwira n'umwete mu gikorwa c'Umukiza. Igikorwa Kristo yahaye abigishwa, barakiranguye. Ubwo izo ntumwa z'umusaraba batera imbera mukuvuga ubutumwa bwiza, ubwiza bw'Imana bwahishuwe mu buryo umwana w'umuntu atigeze abona. Ku bwo gukorana na Mpwemu w'Imana, intumwa yakoze igikorwa canyigangije isi. Mu gihe c'urunganwe rumwe gusa,ubutumwa bwashikiriye amahanga yose. Ivyamwa bitangaje vyaherekeje igikorwa c'izo ntumwa zatoranijwe za Kristo. Mu ntango y'igikorwa cabo, bamwe muri bo ntibari barize amashure, ariko ukwitanga kwabo ku bwo igikorwa c'Umwigisha wabo ntikwagira uko kungana, kandi ku bwo inyigisho ziwe baronse umwiteguro ku bwo igikorwa bajejwe. Ubuntu n'ukuri vyaba mu mitima yabo, bibashiramwo imigambi kandi bibategeka ivyo bakora. Ubuzima bwabo bwari buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana, kandi bariyibagiye, bujujwe n'urukundo rutagira akagero.IN 311.2

    Abigishwa bari abantu bari bazi kuvuga no gusenga mu kuri, abantu bashobora kwishimikiza ubushobozi bw'Inkomezi za Isirayeli. Ese ingene bahagaze neza ku ruhande rw'Imana, kandi bagashira icubahiro cabo ku ntebe yiwe y'ubwami! Yehova yari Imana yabo. Icubahiro cayo cari icubahiro cabo. Ukuri kwayo kwari ukuri kwabo. Icarwanya ubutumwa bwiza casa nk'igitema mu mitma yabo, kandi barwanira igikorwa ca Kristo n'inkomezi zabo zose. Bashobora gutwara ijambo ry'ubugingo kubera bari basizwe amavuta yo mw'ijuru. Bari biteze ibihambaye, kandi ku bw'ivyo bagerageza ibihambaye. Kristo yari yarabihishuriye, kandi kuri We ni ho barondera uburongozi. Ugutahura ukuri n'ubushobozi bwabo, gushikama mu ngorane vyari biringaniye n'uguhuza kwabo n'ubugombe bw'Imana. Yesu Kristo, ubwenge n'ubushobozi bw'Imana, ni we yari ishimikiro mu majambo yabo yose bavuga. Izina ryiwe-rya zina rimwe gusa mu si y'ijuru abantu bahawe ngo bakirizwemwo-barishira hejuru. Ubwo bamamaza ubuziranenge bwa Kristo, Umukiza yazutse, amajambo yabo yakora ku mitima, kandi abagabo n'abagore barakira ubutumwa bwiza. Abantu benshi bari baratutse izina ry'Umukiza kandi bagakengera ububasha bwiwe, noneho batura ko ari abigishwa b'Uwabambwe.IN 311.3

    Si mu bushobozi bwabo intumwa zaranguye igikorwa cazo, ariko ni mu bushobozi bw'Imana nzima. Igikorwa cabo nti cari coroshe. Ibikorwa vy'umushike vy'ishengero rya Kristo vyarimwo uburuhe n'akabonge kenshi. Mu bikorwa cabo abigishwa bahura na ntaryo n'ukubura vyose, kudodoberezwa, n'agahamo; ariko ntibaharuye ubuzima bwabo nk'ubw'agaciro kuri bo kandi bahimbarwa n'uko bahamagariwe kubabara ku bwa Kristo. Kugenda biguru ntege, kudafata ingingo, kugira intege nke mu ntumbero, nta kibanza vyagira mu twigoro twabo. Bari biteguye gutanga n'ugutangwa. Agatima kabo ko kuguma kw'ibanga kari muri bo katyoroye kandi gakuza ubuzima bwabo, kandi ubuntu bw'ijuru bwigaragaje mu ntsinzi bashitseko ku bwa Kristo. Mu bushobozi ntangere Imana yakoreye muri bo, ubutumwa bwiza bwahakuye intsinzi.IN 312.1

    Ku mushinge Kristo ubwiwe yashinze, intumwa zubatseko ishengero ry'Imana. Mu Vyanditswe Vyera ingereranyo y'inyubako y’ urusengero ikoreshwa kenshi ngo ishushanye iyubakwa ry'ishengero. Zekariya avuga Kristo nk'Ishami rizokwubaka urusengero rw'Uhoraho. Avuga ko abanyamahanga bazoterera agacumu k'ubumwe muri ico gikorwa: «Kandi abazoba bari kure bazoza bubake urusengeroIN 312.2

    rw'Uhoraho;» na Yesaya avuga ati, «Abanyamahanga bazokwubaka inzitiro zawe.» Zekariya 6 :12, 15; Yesaya 60:10. Petero yandika avuga ivy'urwo rusengero, yagize, ati «Nuko mumwegere, ari We buye rifise ubugingo, ryagawe n'abantu, ariko ku Mana ryatoranijwe, riri n'igiciro, mwubakwe nk'amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bw'impwemu, mugire ibango ry'ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bw'impwemu, bishimwa n'Imana ku bwa kristo.» lPetero 2:4,5. Mu kurondera Abayuda n'Abanyamahanga, intumwa zarakora, zizana amabuye yo kugereka ku mushinge. Mw'ikete ku bizera b'i Efeso, Paulo yavuze, ati «Nuko ntimukiri abashitsi n'akavantara, ariko musangiye ubwoko n'abera, muri abo mu ngoro y'Imana; kuko mwubatswe ku mabuye y'itanguriro, ari yo ntumwa n'abavugishwa n'Imana, Kristo Yesu ari We buye rigumya imfuruka; muri We ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngo ibe urusengero rwera mu Mwami wacu: muri We namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro y'Imana.» Abanyefeso 2:19-22.IN 312.3

    No ku Bakorinto yanditse ati: «Nk'uko nahawe ubuntu n'Imana, nashizeho itanguriro, nk'umwubakisha mukuru w'ubwenge, uwundi yubakako. Ariko umuntu wese ni yiyubare uko yubakako. Kuko irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atari iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo. Ariko iryo tanguriro umuntu ni yaryubakishako izahabu, canke ifeza, canke amabuye y'igiciro kinini, canke ibiti, canke ubwatsi, canke ibishakashaka, igikorwa c'uwo wese kizoseruka: wa musi uzogiserura, kuko uzohishuranwa n'urnuriro, kandi igikorwa c'umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.» 1 Ab'i Korinto 3:10-13.IN 313.1

    Intumwa zubatse kw'itanguriro rishikamye, ku Gitandara ca Kera. Kuri iri tanguriro bazanye amabuye bahize mu mahanga yose. Abubatsi ntibubatse hatabaye intambamyi. Igikorwa cabo caremerejwe n'ingorane n'intambara z'abansi ba Kristo. Bahura n'amacakubiri, kuvugwa ukutari ko, n'ukwankwa n'abariko barubaka kw'itanguriro ry'ikinyoma. Benshi mu bakoze nk'abubatsi b'ishengero bashobora kugereranywa n'abubatsi b'uruzitiro mu gihe ca Nehemiya, bavugwa ngo: «Nuko abubaka uruzitiro n'abikorezi n'ababakorera, umuntu wese yakoresha ukuboko kumwe, ukundi gufashe ikirwanishwa ciwe.» Nehemiya 4:17.IN 313.2

    Abami n'abatware, abaherezi n'abaganza, bagerageje gusenyura ingoro y'Imana. Ariko mu maso y'umunyororo, guhohoterwa, n'urupfu, abantu b'abizigirwa bateje imbere igikorwa; maze inyubako irakura, nziza kandi y'uburinganire bwiza. Rimwe na rimwe abakozi bahatswe guhumishwa amaso n'ibipfungu vy'ukwizera ibintazi vyari bibazungurutse. Rimwe na rimwe bahakwa kuneshwa n'agahahazo k'ababarwanya. Ariko bakomeje igikorwa n'ukwizera kudahungabana n'ubutwari ntangere. Umwe inyuma y'uwundi, abubatsi ba mbere bakubiswe ku buhomba n'ukuboko kw'umwansi. Stefano yicishijwe amabuye; Yakobo yicishijwe inkota; Paulo yaciwe umutwe; Petero yarabambwe; Yohana yarangajwe. Ariko ishengero ryarakuze. Abakozi bashasha basubiye mu kibanza c'abapfuye, kandi ibuye inyuma y'irindi lyongewe ku nyubakwa. Uku ni ko buhoro buhoro ingoro y'ishengero ry'Imana yaduze.IN 313.3

    Ibinjana vy'agahamo gakomeye vyakurikiye ishingwa ry'ishengero rya Kristo, ariko ntihigeze habura abantu baharura ko igikorwa co kwubaka ingoro y'Imana gifise agaciro kuruta n'ubuzima. Ku bw'abo bantu handitswe ngo: «Abandi bageragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bashirwa mu ngoyi no mu mabohero: bicishijwe amabuye, bakerewemwo kubiri, barageragejwe, bicishijwe inkota, bayerera bambaye insato z'intama n'iz'impene, bari baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi; (isi ntiyari ibabereye ko bayibamwo), bayerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo.» Abaheburayo 11:36-38.IN 314.1

    Umwansi w'ukugororoka nta co atakoze ngo ahagarike igikorwa cahawe abubatsi b'Uhoraho. Ariko Imana «ntiyigeze ibura abayishingira intahe.» Ivyakozwe 14:17. Abakozi barahagurutse barwanira ukuri kwari kwahawe abera ba mbere. Kahise kanditse ubutwari n'ubuhizi bw'abo bantu. Nk'uko vyagendeye intumwa, bamwe baguye ku kivi, eriko inyubakwa y'ingoro y'Imana irabandanya. Abakozi barishwe, ariko igikorwa kiratera imbere. Abawaludensi, Yohana Wycliffe, Huss na Jerome, Martin Luther na Zwingli, Karanimeri, Latimer, na Kinox, Abahugeno, Yohana na Charles Wesley, n'isinzi ry'abandi bazanye ku mushinge ibikoresho bizokwamaho ibihe bidashira. No mu misi yakurikiye, abagerageje gukwiragiza ijambo ry'Imana, n'abo ku bwo igikorwa bakoze mu turere tw'abapagani bateguriye inzira iyamamazwa ry'ubutumwa buhambaye bwa nyuma-na bo nyene barafashije kuduza inyubakwa. Naho imyaka yashize kuva igihe c'intumwa, iyubakwa ry'urusengero rw'Imana ntiryigeze rihagarara. Dushobora kuraba inyuma mu binjana vyashize kandi tukabona amabuye mazima akayangana nk'amabuye y'agaciro y'umuco hagati y'umwiza w'ikinyoma n'ukwizera ibintazi. Mu bihe vyose aya mabuye y'agaciro azokwongereza ugukayangana, ashingira intahe ubushobozi bw'ukuri kw'Imana. Urumuri rw'ayo mabuye anowe ruhishura igihushane kiri hagati y'umuco n'umwiza, hagati y'izahabu y'ukuri n'umwanda w'ikinyoma.IN 314.2

    Paulo n'intumwa, n'abagororotsi bose babayeho kuva ico gihe, bakoze uruhara rwabo mu kwubaka iyo ngoro. Ariko inyubakwa ntiruzura. Twebwe turiho muri uru ruvyaro, turafise igikorwa co gukora, uruhara rwacu. Dutegerezwa kuzana kw'itanguriro ibikoresho bizorinda igipimo c'umuriro-izahabu, ifeza, n'amabuye y'agaciro, «bimeze nk'inkingi zihinguwe nk'uko bashariza ingoro.» Zaburi 144:12. Kuri abo bubakira Imana batyo, Paulo avuga aya majambo yo kubaremesha n'ukubakebura: «Igikorwa c'umuntu, ico yubatse kuri iryo tanguriro, ni carama, azohabwa ingero; igikorwa c'umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubwiwe azokira; ariko nk'uwokowe mu muriro.» 1 Ab'i Korinto 3:14, 15. Umukristo yigisha ijambo ry'ubugingo mu bwizigirwa, ayobora abagabo n'abagore mu nzira y'ubugororotsi n'amahoro, ariko azana kw'itanguriro ibikoresho bizorama, kandi mu bwami bw'Imana azohabwa icubahiro nk'umwubatsi w'ubwenge. Ku vyerekeye intumwa handitswe ngo, «Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyesto birikurikira.» Mariko 16:20. Uko Kristo yarungika abigishwa biwe, ni ko n'uyu musi arungika abanywanyi b'ishengero.IN 314.3

    Bwa bushobozi intumwa zari zifise ni ubwabo. Ni bagira Imana inkomezi zabo, azokorana na bo, kandi ntibazokorera ubusa. Nibatahure ko igikorwa barimwo ari igikorwa Uhoraho yashizeko ikidodo ciwe. Imana yabwiye Yeremiya iti, «Ntaco uvuga, ngo ndacari muto; kuko uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kandi ico nzokubarira cose ari co ukwiye kuvuga. Ntuze ugire ubwoba ku bwabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore.» Uhoraho araheza aramvura ukuboko akora ku munwa w'umusuku wiwe, avuga ati «Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.» Yeremiya 1:7-9. Kandi adusaba kugenda kuvuga amajambo aduhaye, tukumva ko ukuboko kwiwe kwera gukoze ku minwa yacu. Kristo yahaye ishengero igikorwa cera. Umukristo wese ategerezwa kuba umuringoti Imana inyuramwo mu gushikanira abo mw'isi ubutimzi bw'ubuntu bwayo, ubutunzi bw'intabonwa bwa Kristo. Nta kintu Umukiza yifuza cane nk'abantu b'ibikoresho bazokwereka abari mw'isi Mpwemu wiwe na kamere yiwe. Nta kintu isi ikeneye cane nk'ukubona mu bantu urukundo rw'Umukiza. Ijuru ryose rirarindiriye abagabo n'abagore Imana ishobora guhishuriramwo ubushobozi bw'Ubukristo.IN 315.1

    Ishengero ni igikoresho c'Imana co kwamamaza ukuri, bashobojwe na Yo gukora igikorwa c'umwihariko; kandi ni ryayiyoboka, rikitondera ivyagezwe vyayo vyose, rizokwama ryuzuye ubunengesere bw'ubuntu bwayo. Ni ryaba iryizigirwa mu gikorwa caryo, ni ryahesha icubahiro Uhoraho Imana y'Isirayeh, nta bushobozi bushobora kurihangara. Umwete ku bwo Imana n'igikorwa cayo wasunika abigishwa gutwara ubutumwa bwiza n'ubushobozi buhambaye. Umwete nk'uwo ntiwokwaka mu mitima yacu tugafata ingingo yo kuvuga inkuru y'urukundo rwaducunguye, rwa kristo, kandi Kristo yabambwe? Ni amahirwe ku Mukristo wese, atari ukurindira gusa ukuza kw'Umukiza, ahubwo kwihutisha ukuza kwiwe.IN 315.2

    Ishengero ni ryambara ikanzu y'ukugororoka kwa Kristo, rikavavanura n'isi burundu, imbere yaryo hari umutwenzi w'umusi ukayangana kandi w'ubwiza. Isezerano ry'Imana kuri ryo rizoshikama ibihe bidashira. Azorigira akaroruhore ibihe bidashira, umunezero w'uruvyaro rwinshi. Ukuri, naho abantu bagukengera kandi bakagutera umugongo, kuzotsinda. Naho rimwe na rimwe bisa n'uko guteba, iterambere ryakwo ntiryigeze riburabuzwa. Iyo ubutumwa bw'Imana buhuye n'intambamyi, iyo ntambamyi ibwongereza inkomezi kugira ngo buroranirwe kuruta. Bwambaye inkomezi z'Imana, buzotobekeranya imitego ikomeye cane kandi butahane intsinzi ku ntambamyi imwe imwe yose. Ni iki cashigikiye Umwana w'Imana mu buzima bwiwe bw'ibikorwa biruhije n'ukwitanga? Yabonye ivyamwa vy'igikorwa c'umutima wiwe, maze aranyurwa. Yaravye mu bihe bidashira, abona umunezero w'abo, biciye mu gucishwa bugufi kwiwe baronse ikigongwe n'ubugingo budashira. Ugutwi kwiwe kwumvise akamo k'abacunguwe. Yumvise abacunguwe baririmba indirimbo ya Mose n'indirimbo y'Umwagazi w'Intama. Dushobora kubona kazoza, imihezagiro y'ijuru. Muri Bibiliya hahishuwe kazoza k'ubwiza, ibintu vyakozwe n'ikiganza c'Imana, kandi ivyo n'ivy'agaciro kw'ishengero ryayo. Ku bwo kwizera dushobora guhagarara kw'irembo ry'igisagara gihoraho, tukumva ikaze ry'ubugwaneza rihabwa abo, mu buzima bakoranye na Kristo, bakabona ko ari iteka ridasanzwe kubabara ku bwiwe. Igihe ya majambo avugwa, «Ni muze, abo Data yahezagiye,» Baterera ibitsibo vyabo ku birenge vy'Umukiza, bavuga n'ijwi rirenga ngo, «Umwagazi yishwe abereye guhabwa ububasha n'ubutunzi n'ubwenge n'ubushobozi n'icubahiro no guhimbazwa n'umugisha. . . . Iyivyagiye ku ntebe bo n'Umwagazi w'Intama, umugisha ube uwabo n'icubahiro no guhimbazwa n'ububasha, ibihe bitazoshira.» Matayo 25:34; Ivyahishuwe 5:12,13.IN 315.3

    Hariya abacunguwe baramutsa ababayoboye ku Mukiza, kandi bose bashira hamwe bahimbaza uwapfuye kugira ngo abantu baronke ubugingo buringaniye n'ubw'Imana. Intambara irarangiye. Imibabaro n'indyane biraheze. Indirimbo z'intsinzi zuzuye ijuru ryose ubwo abacunguwe bigina n’ umunezero, arabereye, araberye, Umwagazi yishwe, kandi akaba ari muzima, umuhizi yatahanye intsinzi. «Hanyuma y'ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharura, bo mu mahanga yose n'imiryango yose n'amoko yose n'indimi zose, bahagaze imbere y'iyo ntebe n'imbere y'Umwagazi w'Intama, bambaye imvune zera, bari n'amashami y'ibigazi mu minwe; basemerera ri'ijwi rirenga, bati Agakiza ni ak'Imana yacu ivyagiye kuri irya ntebe n'ak'Umwagazi w'Intama.» Ivyahishuwe 7 :9,10.IN 316.1

    «Aba ni abavuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi. Ni co gituma baba imbere y'intebe y'Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw'ijoro: kandi iyivyagiye kuri irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo. Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kandi izuba ntirizobarabika canke indugumba yose, kuko wa mwagazi ari hagati ahahanganye n'iyo ntebe, azobaragira, kandi azobashora ku masoko y'amazi y'ubugingo: kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.» «Kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n'uburibwe ntibizoba bikiriho: kuko ivya mbere bishize.» Ivyahishuwe 7:14-17; 21:4.IN 316.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents