Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 27: Efeso

    Iki Kigabane Gishitnikiye ku Vyakozwe n'Intnmwa 19:1-20.

    Igihe Apolo yariko aravuga ubutumwa i Korinto, Paulo yashikije isezerano ryiwe ryo gusubira muri Efeso. Yari yagendeye mu gihe gito i Yerusalemu kandi yari yamaze umwanya muto i Antiyokiya, aho yari yakoreye ubwa mbere. Nuko aca muri Aziya ya Hafi «aca mu gihugu c'i Galatiya n'i Furugiya» Ivyakozwe n'Intumwa 18:20, agendera amashengero we ubwiwe yari yarashinze, kandi aremesha ukwizera kw'Abakristo. Mu gihe c'intumwa, igice c'uburengero bwa Asiya ya Hafi cari kizwi nk'Intara ya Asiya y'Abaroma. Efeso, umurwa mukuru, cari ikigwati gikomeye mu rudandaza. Ikivuko caho cari cuzuye amato, kandi amabarabara yaho yari yuzuye abantu bava mu bihugu vyose. Co kimwe na Korinto, wari umurima weze ku gikorwa c'ivugabutumwa. Abayuda, bari barasanzaye mu bihugu vyose biteye imbere, bari barindiriye ukuza kwa Mesiya. Igihe Yohana Umubatizi yariko yigisha, benshi, mu bari baje i Yerusalemu ku masabukuru y'umwaka, bari bumvise Yesu yamamazwa nka Wa wundi yasezeranywe, kandi bari batwaye izo nkuru mu turere twose tw'isi. Gutyo rero, Imana yari yateguriye inzira ibikorwa vy'intumwa.IN 146.4

    Paulo ashitse muri Efeso, yahasanze bene Data cumi na babiri, co kimwe na Apolo bari abigishwa ba Yohana Umubatizi, kandi nkabo nyene, bari baramenye ivyo igikorwa ca Kristo. Ntibari bafise ubukerebutsi nk'ubwa Apolo, ariko bifuza nka we gukwiragiza hose ata buryarya ubumenyi baronse. Abo bene Data nta na kimwe bari bazi ku gikorwa ca Mpwemu Yera. Igihe Paulo yababaza ko baronse Mpwemu Yera, bishuye ngo «Ntitwari bwanavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe. Paulo ababaza ati: «None mwabatijwe umubatizo ki?» bamwishura ngo,ni umubatizo wa Yohana.» Iyo ntumwa iherako ibasobanurira ukuri gukomeye kugize umushinge w'ivyizigiro vy'Abakristo. Yababwiye ivyo ubuzima bwa Kristo kuri iyi si, n'ivyo urupfu rwiwe rw'agashinyaguro rw'isoni. Yababwiye ingene Umwami w'ubugingo yasenyuye inzitizi z'imva, maze akazuka atsinze urupfu. Yasubiyemwo itegeko Umukiza yahaye abigishwa biwe: «Jewe nahawe ububasha bwose mw'ijuru no mw'isi. Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw'izina rya Data wa twese n'iryo Umwana n'irya Mpwemu yera.» Matayo 28:18, 19. Yarongeye kandi ababwira ivyo isezerano rya Kristo ryo kubarungikira Umwitsa, uwo muri we hazokorerwa ibimenyetso n'ibitangaza, yongera abereka ingene iryo sezerano ryasohoye mu cubahiro ku musi wa Pentekote.Abo bavukanyi bakiranye akanyamuneza n'igishika cinshi amajambo ya Paulo. Ku bwo kwizera batahuye neza ukuri gutangaje kw'Ikimazi c'impongano ca Kristo, kandi bamwakira nk'Umukiza wabo. Babatizwa mw'izina rya Yesu kandi ubwo Paulo «yabarambikako ibiganza,» baronka n'umubatizo wa Mpwemu Yera, wabashoboje kuvuga indimi z'ayandi mahanga no kuvugishwa. Gutyo rero bashobojwe gukora muri Efeso nk'abavugabutumwa b'injabukamazi muri Efeso no mu mu mihingo yaho, kandi no kuja kwamamaza ubutumwa bwiza muri Asiya ya Hafi.IN 147.1

    Ni mu nzira yo kwicisha bugufi no kwemera kwigishwa aba bantu baronse ubumenyi bwabashoboje kugenda nk'abakozi mu murima kwimburira Imana. Akarorero kabo ni icigwa gikomeye ku Bakristo. Hari abantu benshi badatera imbere cane mu vy'Imana kubera ko biyemera bakanka kuja mu kibanza c'abiga. Bishimira ubumenyi bw'amarenzako bw'ijambo ry'Imana. Ntibishimira guhindura ukwizera kwabo canke imikorere yabo, gutyo rero ntibagire akigoro ko kwakira umuco uruta uwo bafise. Iyaba Abakristo baronderana igishika ubwenge, boyobowe mu mirima y'ukuri itotahaye batari bwamenye. Uwuzokwihebera Imana azorongorwa n'ukuboko kw'Imana. Ashobora kuba nyarucari kandi agasa n'uwudafise ingabire, ariko agamburukiye itegeko ry'Imana n'umutima w'urukundo no kwizera, inkomezi ziwe zizotyororwa, zihingurwe, zikomezwe, kandi n'ubushobozi bwiwe bwiyongere. Ubwo abika ivyigwa vy'ubwenge bukomoka ku Mana, niko ahabwa igikorwa 1 cera; azoshobozwa guhindura ubuzima bwiwe icubahiro ku Mana n'umuhezagiro kw'isi. «Guhishurirwa amajambo yawe kuzana umuco; guha abatungu ubwenge.» Zaburi 119:130.IN 148.1

    Hari abantu benshi uyu musi batazi igikorwa ca Mpwemu Yera ku mutima, nk'uko abo muri Efeso bari bameze; ariko nta kuri kwokwigishwa neza nko mw'ijambo ry'Imana. Abavugishwa n'Imana ni intumwa barasesanguye uko kuri. Kristo wenyene aradusaba kwihweza ingene ibimera bikura, ngo bibe ingereranyo y'igikorwa ca Mpwemu wayo mu gushigikira ubuzima bwa Mpemu. Amazi y'umuzabibu, aduga ava mu mizi, agakwiragira mu mashami, atuma umuzabibu ukura kandi ukazana amashurwe n'ivyamwa. Niko n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera butanga ubugingo, buva ku Mukiza, bukwiragira mu mutima, bugahindura ivyiyumviro n'ivyipfuzo, kandi bugategeka n'ivyiyumviro kwumvira ubugombe bw'Imana, bugafasha uwubwakira kwama ivyamwa vy'ibikorwa vy'ubugororotsi. Uwutanga ubuzima bwa Mpwemu ntaboneka, kandi uburyo ubwo buzima butangwa bubungabungwa, birengeye ugutahura kw'ubwenge bw'umuntu. Ariko kandi ibikorwa vya Mpwemu vyama na ntaryo bihuje n'ijambo ry'Imana. Nk'uko biri mu bidukikije, niko bimeze no mu buzima bwa Mpwemu. Ubuzima bw'ibidukikije buzigamwa umwanya ku mwanya n'ubushobozi bw'Imana; ariko ntibushigikirwa n'igitangaza kigaragara, ariko buca mu gukoresha imihezagiro iri mu maboko yacu. Ubuzima bwa Mpwemu rero bubungabungwa mu gukoresha uburyo Imana yaduhaye. Namba umwigishwa wa Kristo ashaka gukura «akageza aho ashikira kuba umuntu akuze no ku rugero rw'ubwinshi bw'ukunengesera kwa kristo» (Abanyefeso 4:13), ategerezwa kurya ku mutsima w'ubugingo kandi akanywa ku mazi y'agakiza. Ategerezwa kuba maso, agasenga, agakora, muri vyose akitwararika inyigisho ziri mw'ijambo ry'Imana.IN 148.2

    Hari n'ikindi cigwa mu vyashikiye abo Bayuda bahindukiriye imana. Igihe babatizwa na Yohana, ntibatahura neza igikorwa ca Yesu nk'Uwikorera ivyaha. Bari babitahuye ukutariko. Ariko bamaze kuronka umuco mwinshi, bakiranye akanyamuneza Kristo nk'Umucunguzi wabo, maze ku bwo iyo ntambwe bagize baca bahindura uburyo bwabo bwo gukora. Ubwo baronse ukwizera nyakuri, niko n'ubuzima bwabo bwahindutse. Ikimenyamenya c'iryo hinduka, n'icemezo ko bizeye Kristo, bongeye kubatizwa mw'izina rya Kristo.IN 149.1

    Nk'uko wari umugenzo wiwe, Paulo yatanguriye igikorwa ciwe muri Efeso, avuga ubutumwa bwiza mw'isinagogi y'Abayuda. Yarabandanije kuhakorera amezi atatu, «aharira kandi abemeza ivyo ubwami bw'Imana.» Ubwa mbere bamwakiriye neza; ariko nk'uko vyagenze mu tundi turere, ntibatevye kumurwanya. «Bamwe bikomantaje imitima, banka kwizera, batukira inzira ya Yesu imbere y'abantu.» Kubera babandanije kwanka kwakira ubutumwa bwiza, Paulo ntiyasubira kwigishiriza mw'isinagogi. Mpwemu w'Imana yakoranye kandi akorera muri Paulo igihe yigisha abo mu bwoko bwiwe. Ivyemezo bigaragara bihagije vyari vyaratanzwe ngo binyure abantu bose b'abanyakuri bipfuza kumenya ukuri. Ariko benshi biyemeje kuganzwa n'ivyiyumviro bigoramye, n'ukutizera, maze banka kwemera ukuri kugaragara. Ku bwo gutinya ko ukwizera kw'abo Bakristo kwogwa mu kaga kubera gukomeza kubana n'abo bantu barwanya ukuri, Paulo yitandukanije nabo, maze akoraniriza abigishwa hamwe, akomeza kwigishiriza abantu mw'ishure rya Turano, umwigisha rurangiranwa.IN 149.2

    Paulo yabonye ko «urugi runini rukomeye» rwari rwuguruwe imbere yiwe, nubwo hari «abarwanizi benshi.» 1 Ab'i Korinto 16:9. Efeso nti carusha gusa ibisagara vyo muri Asiya kuba ciza, ariko kandi cabirusha n'ububi. Kwizera ibintazi n'ubuhumbu vyari vyariraye. Mu gitutu c'insengero zaho, hari hihishije ubwicanyi bw'ubwoko bwose, kandi ivyaha vy'agahomerabunwa vyari vyarahatse indaro.IN 149.3

    Efeso cari icibare c'ikigirwamana Arutemi. Ubwiza bw'ingoro ya «Arutemi w'Abanyefeso» bwari bwabaye rurangiranwa muri Asiya yose no mw'isi. Ugukayangana kwayo ntikwatera ubwibone igisagara conyene, ahubwo igihugu cose. Ikigirwamana co muri iyo ngoro, bavuga ngo cakorotse kiva mw'ijuru. Kuri co hari handitswe amajambo y'imvugo ifobetse, abantu biyumvira ko afise ubushobozi buhambaye. Abanyefeso bari baranditse ibitabo vyo gusigura ubusobanuro bw'ivyo bimenyetso. Bamwe mu bihaye kwiga ivyo bitabo bizimvye cane, harimwo abanyamareba benshi, bari bafise ububasha ku vyiyumviro vy'abo bantu bizera ibintazi basenga ibishushanyo biri muri iyo ngoro. Intumwa Paulo, igihe yakorera muri Efeso, yahawe ibimenyetso bidasanzwe vyerekana ko Imana yari kumwe na we. Ubushobozi bw'Imana bwaherekeje utwigoro twiwe, kandi abantu benshi bakira indwara zabo z'umubiri. «Kandi Imana ikoresha amaboko ya Paulo ibitangaza vy'agaheta: vyatuma bashira abarwaye ibitambara n'imyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo.» Ibimenyetso vy'ubushobozi bw'akataraboneka birengeye ibindi vyose vyakorewe muri Efeso, kandi ntivyashobora kwiganwa n'abanyamareba canke abapfumu. Kubera ivyo bitangaza vyakorwa mw'izina rya Yesu Umunyanazareti, abantu baboneyeho akaryo ko kubona ko Imana yo mw'ijuru ikomeye kuruta abanyamareba basenga ikigirwamanakazi Arutemi. Gutyo rero Umwami ahesha icubahiro umusuku wayo, n'imbere y'abasenga ibigirwamana ubwabo, icubahiro kiruta ico abanyamareba baminuje.IN 149.4

    Ariko, Umwe impwemu zose z'ikibi zitinya kandi yari yahaye abasuku biwe ububasha kuri zo, yari yiteguye kubakoza isoni ziruta izo, n'ukunesha abasuzugura kandi bagatuka izina ryiwe ryera. Ubupfumu bwari bwarabujijwe n'ivyagezwe vya Mose, kandi uwabirenga yaricwa, ariko rimwe na rimwe Abayuda bataye ukwizera barabikora mu mpisho. Igihe Paulo yagendera Efeso hari muri ico gisagara «inyererezi zimwe zo mu Bayuda zasenda impwemu zihumanye zigerera kuvugira izina ry'Umwami Yesu hejuru y'abatewe n'impwemu zihumanye.» Abahungu indwi b'Umuyuda yitwa Sekewa, umwe mu baherezi bakuru baragerageza batyo. Basanga umuntu arimwo impwemu zihumanye, bamubarira bati: «Turabategetse mw'izia rya Yesu, uwo Paulo avugira.» Ariko «ya mpwemu mbi ibishura, iti Yesu ndamuzi, na Paulo ndamuzi, ariko mweho muri ba nde? Maze uwo muntu arimwo impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, abagirira nabi, bahunga muri iyo nzu bambaye ubusa kandi bakomeretse.» Uku ni ko hatanzwe icemezo c'uko izina rya Yesu ari izina ryera, n'akaga karindiriye abaryambaza batizeye ko igikorwa c'Umukiza ari ico Imana. Bose baterwa n'ubwoba, izina ry'Umwami Yesu rishirwa hejuru.»IN 150.1

    Ibintu vyari vyaranyegejwe noneho bija ahagaragara. Abizera bamwe, bari bakiriye Kristo, nti bari bahevye burundu kwizera ibintazi. Hamwe barakomeza ibikorwa vy'abanyamareba. Noneho baratahuye ubuzimire bwabo, «benshi mu bari barizeye baraza, batura ivyo bakoze, barabiserura.» Mbere no mu bakora ivyo ubupfumu, ico gikorwa ciza cabagezeko. Kandi «benshi no mu bakora ivyo ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy'ubupfumu, babituririra mu maso ya bose: baharura igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z'ifeza ibihumbi mirongo itanu. Uko niko ijambo ry'Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.»Mu guturira ibitabo vyabo bivuga ivyo ubupfumu, Abanyefeso bahindukiriye Imana berekanye ko ibintu bahora banezerererwa noneho babizinutswe. Ni mu vyo ubupfumu cane cane bari barababaje Imana kandi bashira mu kaga imitima yabo: kandi ubupfumu nyene ni bwo bashavuriye. Gutyo, berekana ko bahindutse koko.IN 150.2

    Ivyo bitabo vy'ubupfumu vyarimwo amategeko n'uburyo bwo kuvugana n'impwemu mbi. Yari amategeko yo gusenga Satani-amategeko yo kumusaba ubufasha no kumuronkako amakuru. Kugumya ivyo bitabo, abo bigishwa vyari kubabera ikigeragezo; kubigurisha naho, bari kuba bashize ikigeragezo mu nzira y'abandi-bantu. Bari bahakanye ubwami bw'umwiza, kandi gusenyura ubushobozi bwiwe ntibabigeze amajanja, n'ubwo vyabasaba ukwitanga uko ariko kwose. Ukuri kwaratsinze ivyiyumviro vy'abantu, n'umunoho w'amahera. Muri uku kwigaragaza kw'ubushobozi bwa Kristo, Abakristo baronse intsinzi ikomeye, ha handi nyene ukwizera ibintazi kwari kwarashinze imizi. Ivyo bintu vyabaye rurangiranwa kuruta uko Paulo yabitahuye. Inkuru zavuye muri Efeso zikwiragira kure, maze igikorwa ca Kristo kironka inkomezi zihambaye. Inyuma cane intumwa Paulo ubwiwe amaze guheza urugendo rwiwe, izo nkuru zagumye mu bwenge bw'abantu, maze ku bwo ivyo, abantu benshi bahindukirira ubutumwa bwiza.IN 151.1

    Hari abibaza ko kwizera ibintazi vyarangiye imbere y'iterambere ryo mu kinjana ca mirongo ibiri. Ariko ijambo ry'Imana, n'ibikorerwa musi y'izuba, bidushingira intahe ko ubupfumu bukorwa muri uru runganwe nk'uko bwakorwa n'abanyamareba ba kera. Ubunyamareba bwa kera, mu vyo ukuri, busa neza neza n'ivyo twita uyu musi ukwizera imizimu kw'igihe ca none. Satani ahenda abantu ibihumbi n'ibihumbi mu kwiyerekana mw'ishusho y'abakunzi bacu bapfuye. Ivyanditswe Vyera bivuga ko «abapfuye ataco baba bakizi.» Umusiguzi 9:5. Ivyiyumviro, urukundo rwabo n'urwanko rwabo n'ishari ryabo vyose biba vyarashize: abapfuye ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y'izuba. Ariko, nk'uko yakoresheje ubuhendanyi kera, Satani akoresha iyo nzira ngo yifatire abantu. Mu nzira yo kwizera imizimu, abarwaye benshi, abishwe n'agahinda, abantu batanyurwa n'ukuri bazi, baganira n'abadayimoni. Abantu bose bakora ivyo bari mu kaga. Ijambo ry'ukuri rivuga ingene Imana iraba abo bantu. Mu bihe vya kera yavuze amajambo akomeye acira urubanza umwami yari yarungitse umuntu ku muvugishwa w'umupagani: «Mbega icatumye muja kuri Bayali-zebubi iyo mana y'i Ekuroni kuraguza, ni uko ata Mana yariho mu bw'Isirayeh? Uti none rero, uku ni ko Uhoraho agize, uti Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, uti uzopfa nta kabuza.» 2 Abami 1:3,4.IN 151.2

    Abanyamareba b'ibihe vya kera, basa n'abapfumu, n'ababurira abantu ivyo ubuzima bwabo. Ya majwi adasanzwe yavugira muri Endori no muri Efeso, n'uyu musi nyene aracazimiza abana b'abantu, akoresheje amajambo y'ubuhendanyi. Igihe igihuzu kiduhumye amaso cokinguruka, twobona abamarayika ba Satani bariko bakoresha ubwenge bwose bwo guhenda abantu no kubarimbura. Aho hose Satani akora ngo yibagize abantu Imana, aho niho akoresha inkomezi ziwe ziyovya ubwenge. Iyo abantu bemeye kuyoborwa nawe, bakwiye kwitega ko ayovya ubwenge bwabo akabwonona. Impanuro y'iyo ntumwa kw'ishengero rya Efeso ikwiye kwumvirizwa n'abantu b'Imana uyu musi: «Ntimugafatanye n'ibikorwa birumvye vy'umwiza, ariko cane-cane mubiserure.» Abanyefeso 5:11.IN 151.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents