Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 56: Patimo

    Hari haheze imyaka irenga mirongo itanu ishengero rya Kristo ritunganijwe. Muri ico gihe ubutumwa bwiza bwari bwarwanijwe ubudahengeshanya. Abansi baryo ntibari bigeze bahumeka, kandi amaherezo bari bashoboye kwifashisha ubushobozi bwa Roma mu kurwanya Abakristo. Mu gahamo gakomeye kakurikiye, intumwa Yohana yakoze vyinshi ngo aremeshe kandi akomeze ukwizera kw'Abakristo. Yashinga intahe abansi biwe badashobora kuvuguruza kandi yafashije bene Data kwihanganira amageragezwa yabashikiye bashize amanga kandi mu bwizigirwa. Igihe ukwizera kw'Abakristo kwasa n'uko guhungabanye, vyaba ngombwa ngo babonane n'uwo musuku wa Yesu ashaje, w'inararibonye, ngo abasubiriremwo mu bushobozi n'amajambo atomoye inkuru z'Umukiza yabambwe kandi akazuka. Yashikamye mu kwizera kwiwe, kandi mu kanwa kiwe hava na ntaryo bwa butumwa buteye igomwe: «Icariho uhereye ubwa mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n'amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri rya Jambo ry'ubugingo; . . . ico twabonye tukacumva ni co tubabwira namwe.» 1 Yohana 1:1-3.IN 297.2

    Yohana yari ashaje cane. Yarabonye irimbuka rya Yerusalemu na rwa rusengero rw'akaroruhore. Uwanyuma yasigaye mu bigishwa bari bacuditse cane n'Umukiza, ubutumwa bwiwe bwari bufise ububasha bwinshi mu kwerekana ko Yesu yari Mesiya, Umucunguzi w'isi. Nta n'umwe yashobora guhakana ukuri kwiwe, kandi biciye mu nyigisho ziwe abantu benshi barahevye ukutizera kwabo. Abategetsi b'Abayuda banka Yohana urunuka kubera yari umwizigirwa w'inshigwarimenetse ku gikorwa ca Kristo. Bavuga ngo utwigoro twabo two kurwanya Abakristo tuzoba impfagusa igihe cose igishingantahe ca Yohana kizosamiranira mu matwi y'abantu. Kugira ngo ibitangaza n'inyigisho vya Yesu vyibagiranwe, ijwi ry'ico cabona c'inshigwarimenetse ryategerezwa guhora. Ku bw'ivyo Yohana yategetswe kuja i Roma gucirwa urubanza ku bwo ukwizera kwiwe. Ashitseyo, inyigisho z'iyo ntumwa zaragoretswe imbere y'abategetsi. Ivyabona vy'ibinyoma vyamureze ngo yigishije inyigisho zigoramye zigumura abantu. Mu kumurega, abansi biwe bizera ko baronka agatwe k'uwo mwigishwa.IN 298.1

    Yohana yireguye mu majambo atomoye kandi atagira amahinyu, mu buryo bworoheje kandi bugaragara kandi amajambo yiwe yari afise ubushobozi bwo gukora ku mitima. Abamwumvise bataye amacumu ku bwenge bwiwe n'imvugo yiwe itangaje. Ariko uko igishingantahe ciwe cemeza abantu, ni ko n'urwanko rw'abansi biwe rwongerekana. Umwami Domisiyo yarashavuye cane. Ntiyashobora kurwanya ivyiyumviro vy'uwo muvugizi wa Kristo w'umwizigirwa, canke ngo ashikire ubushobozi bwaherekeza ukuri yavuga; ariko kandi afata ingingo yo kuzimanganya iryo jwi.Yohana yaterewe mu ngunguru y'amavuta ariko arabira; ariko Imana yazigamye ubuzima bw'umusuku wayo w'intahemuka, nk'uko yazigamye ba Baheburayo batatu mw'itanuri ry'umuriro. Ubwo bavuga aya majambo ngo Uku ni ko bazorimbuka abo bose bizera wa mwangushi Yesu Umunyanazareti, Yohana yavuze ati, Umwami wanje yihanganiye ivyo vyose Satani n'abamarayika biwe bashobora gukora kugira ngo bamukoze isoni kandi bamuhohotere. Yatanze ubugingo bwiwe ngo akize abari mw'isi. Ndatewe iteka no kwemererwa kubabara ku bwiwe. Ndi umunyantegenke, umunyavyaha. Kristo yari umugororotsi, umugwaneza, umuziranenge. Ntiyakoze icaha, kandi mukanwa kiwe nta buryarya bwabonetsemwo.IN 298.2

    Aya majambo yakoze ibikomeye, kandi Yohana yavanywe muri iyo ngunguru na ba bandi nyene bari bayimutereyemwo. Agahamo kongeye kuremera iyo ntumwa. Ku bwo itegeko ry'umwami, yatawe ku kizinga Patimo, ahorwa «ijambo ry'Imana no gushingira intahe Yesu.» Ivyahishuriwe Yohana 1:9. Aho rero abansi biwe biyumvira atazongera kwumvikana, kandi ko amaherezo azokwicwa n'imiruho y'ibikorwa n'agahinda. Patimo, ikizinga c'ibibuye kigaragara kiri mu Kiyaga Agayi, Abaroma bari bagihisemwo ngo kibe ikibanza co gusenderamwo abicanyi; ariko kuri uwo musuku w'Imana ico kibanza c'umwiza cahindutse irembo ry'ijuru. Aho hantu, yahabaye ari kure y'imyitwarariko y'ubuzima busanzwe, n'ibikorwa yakoze mu myaka y'imbere, yibanira n'Imana na Kristo n'abamarayika bo mw'ijuru, kandi bamuha inyigisho izofasha ishengero mu bihe vyose bizoza. Ibizoba mu misi y'iherezo vyashizwe imbere yiwe; kandi ari aho nyene yanditse ivyo yeretswe bivuye ku Mana. Igihe ijwi ryiwe ritazoba rigishingira intahe uwo yakunze kandi yakoreye, ubwo butumwa yaherewe muri ico kizinga bwategerezwa kuzobandanya buja imbere nk'itara ryaka,. bwamamaza umugambi w'Umwami Imana ku mahanga yose yo kw'isi.IN 299.1

    Mu bitandara n'amabuye ya Patimo, Yohana yagiranye ubumwe n'Umuremyi wiwe. Yakubitije agatima mpembero ku buzima bwiwe bwahise, no ku mihezagiro yaronse, maze umutima wiwe wuzura amahoro. Yari yabayeho ubuzima Rukristo, kandi yashobora kuvuga yizeye ati, «Twebwe turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo.» 1 Yohana 3:14. Ivyo umwami yamwangaje ntiyashoboraIN 299.2

    kubivuga. Yashobora gusa kuraba inyuma akabona ibibuga vy'intambara, imivyimba, amazu yacitse amatongo, amarira y'abapfakazi n'impfuvyi, ingaruka y'ugukiranira ivyubahiro kwamuraza ishinga.IN 299.3

    Ico gihe yari wenyene, Yohana yashobora kwiga neza kuruta ibindi bihe ivy'ibimenyamenya vy'ubushobozi bw'Imana nk'uko vyanditswe mu gitabo c'ibidukikije no mu mpapuro z'ijambo ry'Imana. Kuri we yari amahirwe kwiyumvira igikorwa c'irema no guhimbaza iyo Mana ikaba n'umuhinga karuhariwe. Mu misi yahise amaso yiwe yari yahimbawe n'imisozi yuzuye ibibira, ububande butotahaye, n'ibiyaya vyiyambitse ivyamwa; kandi mu bwiza bw'ivyaremwe yari yahimbawe no kubonamwo ubwenge n'ubuhinga bw'Umuremyi. Yari azungurutswe n'ibintu kuri bamwe vyari kuboneka nk'ibitagira ikimazi; ariko kuri Yohana vyari bitandukanye. N'ubwo yari akikujwe n'ubugaragwa n'irungu, amajuru y'ubururu yabogaboga hejuru yiwe yakayangana kandi afise ubwiza nk'ubw'ikirere cari hejuru ya ca gisagara gikundwa, Yerusalemu. Muri ubwo bugaragwa bw'ibitandara, mu kiyaga giteye amazinda, mu bwiza bw'ikirere, yize ivyigwa bihambaye. Vyose vyari vyiremetse ubutumwa bw'ubushobozi n'ubwiza vy'Imana.IN 299.4

    Aho yaraba hose, iyo ntumwa yabona ibimenyetso vy'Umwuzure wari warimbuye isi kubera abantu bihaye guhonyanga ivyagezwe vyayo. Ibitandara vyacurangujwe biva kure mu kiyaga no mw'isi bitewe n'inkukura, vyamwibukije ibintu biteye ubwoba vya wa musi w'uburake bw'Imana. Mw'ijwi nk'iry'amazi menshi-ijwi risama nk'iry'inzamba-uwo muvugishwa n'Imana yumvise ijwi ry'Umuremyi. Ikiyaga, cashangashiwe kubera umuyaga utagira impuhwe, kuri we kigereranya uburake bw'Imana yababajwe n'ibibi vy'abantu. Imikuba ikomeye, iteye ubwoba mu kwiruka kwayo, igafatirirwa n'imbibe zashizweho n'ikiganza kitaboneka, vyerekana ubushobozi butagira imbibe bw'Imana itegeka vyose. I ruhande y'ivyo, yatahuye intege nke n'ubusazi bw'abantu, nkaho ari inyo z'umukungugu, bishira hejuru biratira ubwenge n'inkomezi, bakikakisha imbere ya Segaba w'amahanga, nk'uko Imana yoba ihwanye na bo. Ivyo bitandara vyamwibukije Kristo, Igitandara kimuha inkomezi, yashobora kwihisha mu gitutu caco ata bwoba. Muri iyo ntumwa yangajwe ku kizinga Patimo c'amabuye, havuyemwo ukurondera Imana kutigeze kuboneka, amasengesho y'akataraboneka.IN 300.1

    Inkuru ya Yohana yerekana uburyo butangaje Imana ishobora gukoresha abakozi bageze mu zabukuru. Igihe Yohana yangazwa ku kizinga ca Patimo, hari benshi bibaza ko yakukurutse, ikibingobingo cashaje kandi cavunitse, citeguye kugwa igihe ico ari co cose. Ariko vyahimbaye Imana ko ibandanya kumukoresha. Naho yari yangajwe kure y'aho yahoze akorera, ntiyahengeshanije gushingira intahe ukuri. No muri Patimo yaronse incuti n'abantu bakiriye Kristo. Ubutumwa bwiwe bwari ubwo umunezero, wo kwamamaza Umukiza yazutse, ari mw'ijuru, aho avugira abantu biwe gushika azogaruke kubajana iwe. Kandi amaze gusaza, ni ho Yohana yahawe n'Umwami Yesu ubutumwa buruta ubwo yari yaronse mu buzima bwiwe bwose bwa mbere.IN 300.2

    Abantu batamakariye mu gikorwa c'Imana bategerezwa guhabwa icubahiro kidasanzwe. Abo bakozi batamakaye babaye abizigirwa hagati y'igihuhusi n'amageragezwa. Bashobora kuba bafise ubumuga, ariko baracafise ingabire zibafasha guhagarara mu kibanza cabo mu gikorwa c'Imana. Naho bashize, kandi badashobora kwiremeka imitwaro- iremereye abasore bokwiremeka kandi bategerezwa kwiremeka, impanuro bashobora gutanga ni iyo agaciro kanini. Bashobora kuba barakoze amakosa, ariko mu makosa yabo barize kwirinda amakosa n'akaga, none ku bw'ivyo ntibashobora gutanga impanuro z'ubwenge? Barapimwe kandi barageragezwa, kandi naho batakaje zimwe mu nkomezi zabo, Umwami ntabakumira. Abaha ubuntu n'ubwenge vy'umwihariko.IN 300.3

    Abakoreye Umwami wabo igihe igikorwa cari kiruhije, bakihanganira ubukene kandi bakaguma ari abizigirwa igihe hari bake ba- shobora guhagararira ukuri, bategerezwa gushimwa kandi bakubahwa. Umwami yifuza ko abakozi bakiri bato bunguka ubwenge, inkomezi, kandi bagakura kubwo kwigira kuri aba bantu b'abizigirwa. Abasore nibatahure ko kuba bafise abakozi nk'abo hagad yabo bagiriwe ubuntu budasanzwe. Nibabahe ikibanza c'iteka mu manama yabo. Ubwo abatanze ubuzima bwabo mu gikorwa ca Kristo begereza kurangiza igikorwa cabo kw'isi, bazokorwako na Mpwemu yera bibuke ivyababayeko mu gikorwa c'Imana. Ibitangaza akorera abantu biwe, urukundo rwiwe ntangere mu kubatabara mu mageragezwa, bitegerezwa kwama bibwirwa abashasha mu kwizera. Imana yifuza ko abakozi bashaje kandi b'inararibonye bahagarara mu kibanza cabo, bakora uruhara rwabo mu gukiza abagabo n'abagore batwawe n'ubushobozi bw'imikuba y'ikibi, yifuza ko bagumya ibirwanisho gushika aho izo-bategeka kubishira hasi.IN 301.1

    Mu vyashikiye intumwa Yohana ari mu gahamo, hari icigwa gikomeye cane, kandi kiremesha Umukristo. Imana ntibuza imigambi y'abanyakibi, ariko ikoresha iyo migambi yabo ku neza y'abo, mu mageragezwa no mu ngorane bagumana ukwizera n'ubwizigirwa. Kenshi abakozi b'ubutumwa bwiza bakorera mu bihuhusi vy'agahamo, abansi, n'akarenganyo gakomeye. Mu bihe nk'ivyo nibibuke ko ivyo bazokwungukira mw'itanuri ry'ibigeragezo n'imibabaro bizobagirira akamaro kanini. Muri ubwo buryo Imana izana abana bayo hafi yayo, ngo ibereke intege nke zabo n'inkomezi zayo. Ibigisha kuyinamba-ko. Gutyo rero ibategura guhwana n'ingorane zikomeye, guhagarara mu bibanza bikenewemwo abizigirwa, no gushira mu ngiro imigambi ihambaye yatumye bahabwa ubwo bushobozi.IN 301.2

    Mu myaka yose ababaye ivyabona Imana yatoranije bamye batukwa kandi bahamwa bazira ukuri. Yosefu yarementanirijwe kandi ahamwa kubera yagumye ari intungane n'umwizigirwa. Dawidi, intumwa yatoranijwe n'Imana, yahizwe bunyamaswa n'abansi biwe. Daniyeli, yatawe mu rwobo rw'intare kubera yanse guhemukira ijuru. Yobu yanyazwe ubutunzi bwiwe bwose, kandi asinzikazwa mu mubiri gushika n'aho azinukwa n'umuryango n'abagenzi; ariko yagumye ari umwizigirwa. Yeremiya ntiyashobora guhora ngo ntavuge amajambo Imana yari yamuhaye kuvuga; kandi intahe yiwe yarakaje umwami n'abaganwa ku buryo yatawe mu cobo gishisha. Stefano yicishijwe amabuye kubera yamamaje Kristo, kandi Kristo yabambwe. Paulo yatawe mw'ibohero, arakubitwa, aterwa amabuye, kandi amaherezo aricwa kubera yabaye intumwa yizigirwa ku banyamahanga. Yohana na we yangajwe ku kizinga ca Patimo «bamuhora ijambo ry'Imana no gushingira intahe Yesu Kristo.»IN 301.3

    Utu ni uturorero tw'abantu bashikamye mu gushingira intahe amasezerano adahinduka y'Imana-y'ubuntu bwayo bwamana n'abantu kandi bukabashigikira. Twerekana ubushobozi bw'ukwizera, bwo guhangana n'ubushobozi bw'isi. Ni igikorwa c'ukwizera kuruhukira mu Mana mu gihe kirengeje mu kuba kibi, kwumva, naho woba ugeragezwa kandi usagirijwe n'igihuhusi, ko Data ari: We ayobora ubuzima, bwacu. Amaso y'ukwizera yonyene ni yo ashobora kuraba kure y'ibintu vy'iki gihe agatahura agaciro k'ubutunzi dudashira. Yesu ntiyereka abamukurikira ivyizigiro vyo gushikira icubahiro n'ubutunzi vy'isi, vy'ukubaho ubuzima butagira amagerage-zwa. Ahubwo abasaba kumukurikira mu nzira yo kwiyanka n'ibitutsi. Uwaje gucungura abari mw'isi yarwanijwe n'inkomezi zikoranye zose z'ikibi. Mu bumwe bw'imburakigongwe, abantu babi n'abamarayika babi bahagurukiye kurwanya Umwami w'Amahoro. Ijambo ryose n'ikintu cose yakora vyerekana impuhwe z'Imana, kandi ubudasa n'isi bwiwe bwatumye yankwa urunuka. Uku ni ko bizoba ku bantu bose bazobaho bubaha Imana muri Kristo. Agahamo n'ibitutsi birindiriye abo bose buzuye Mpwemu wa Kristo. Ubwoko bw'agahamo buhinduka uko ibihe bihinduka, ariko ingingo-agatima kihishije mu gahamo-ni ka kandi kishe abatoranijwe b'Imana uhereye ibihe vya Abeli.IN 302.1

    Mu myaka yose Satani yamye ahama abantu b'Imana. Yarabahohoteye kandi arabica, ariko mu rupfu rwabo baronse intsinzi. Bashingiye intahe y'Uwukomeye kuruta Satani. Abantu babi bashobora guhohotera umubiri, ariko ntibashobora gukora ku buzima buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana. Bashobora kwugaranira abagabo n'abagore mu mpome z'ibohero, ariko ntibashobora kuboha umutima.Mu mageragezwa no mu gahamo,ubwiza-kamere y'Imana ihishurirwa mu bo yatoranije. Abizera Kristo, bankwa bagahamwa n'isi, bigishwa kandi bagatozwa indero mw'ishure rya Kristo. Mw'isi bagendera mu nzira zaga; batyororerwa mw'itanure ry'intuntu. Bakurikira Kristo mu ngorane nyinshi; bemera kwiyanka kandi bagaca mu bibaca intege; ariko ni muri ubwo buryo batahura ububi bw'icaha, kandi bakacanka urunuka. Ku bwo gusangira imibabaro na Kristo, bashobora kubona inyuma y'umwiza bakitegereza ubwiza, bavuga bati, «Niyumvira yuko imibabaro y'iki gihe idakwiye kugereranywa n'ubwiza tuzohishurirwa.» Abaroma 8:18.IN 302.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents