Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 48: Paulo Imbere Ya Nero

    Igihe Paulo yasabwa kurenguka imbere y'umwami Nero ngo acirwe urubanza, vyasa n'uko gupfa ari nta gisivya. Ububi bw'icaha yaregwa, n’ ubushangashirwe bafitiye Abakristo, ntacizere vyatanga ko hari iciza kivamwo. Mu Bagiriki n'ABaroma wari umugenzo wo kwemerera umuntu aregwa ngo akoreshe umushingwamanza amuburanire. Ku bwo ubushobozi bw'amajambo, kubwo ubuhinga bw'ururimi, kwinginga, gutakamba n'amarira, uwo mwitsa yarashika kenshi ko atuma ingingo ihinduka ku bwo ineza y'umunyororo, canke ivyo bidashobotse, agatuma igihano ciwe kigabanywa. Ariko igihe Paulo yahamagarwa kurenguka imbere ya Nero, nta muntu n'umwe yubahutse kumubera umuhanuzi canke umuvugizi; nta mugenzi yari i ruhande ngo apfume yumviriza ivyo bamuremetse, canke ngo yumvirize amajambo yavuze mu kwiregura. Mu Bakristo b'i Roma, nta n'umwe yegereye ngo amube hafi muri ico gihe c'amageragezwa. Amajambo y'amizigirwa yo muri ico gihe yatanzwe na Paulo ubwiwe, mw'ikete rya kabiri yandikiye Timoteyo. Iyo ntumwa yanditse iti, «Mw'iburana ryanje rya mbere nta wampagaze i ruhande, ariko bose barantaye: icompa ntibabiharurweko. Ariko Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ngo ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babwumve: nuko mva mu menyo y'intambwe.» 2 Timoteyo 4:16-17.IN 256.3

    Paulo imbere ya Nero- mbega ubudasa butangaje! Umwami w'igitugu uwo muntu w'Imana yategerezwa gushingira intahe ukwizera kwiwe imbere yiwe, yari yarashitse kw'isonga ry'ubushobozi bw'isi, ububasha, n'ubutunzi, kandi yamanutse agakora ibibi n'ivyaha vy'agahomerabunwa. Mu bushobozi no mu cubahiro ntawakorako. Nta n'umwe yavuguruza ububasha bwiwe, ntawarwanya ubugombe bwiwe. Abami baterera ingori zabo ku birenge vyiwe. Ingabo z'ubushobozi ntangere ni we yazitegeka, kandi amabendera yo ku mato yiwe yabura intsinzi. Igishushanyo ciwe cari gishinzwe mu mazu ya sentare, kandi amategeko y'abakenguzamateka n'ingingo zafatwa n'abacamanza nta kindi zavuga kiretse ubugombe bwiwe. Imiliyoni n'imiliyoni z'abantu bamupfukamira bamuha icubahiro. Izina rya Nero ryahindisha isi yose umushitsi. Akujinyikiye waca witega kunyagwa, gutakaza umwidegemvyo, ubuzima; kandi igitsure ciwe catiny wa kuruta akarandaIN 257.1

    Iyo mbohe y'umutama, itagira n'urumeya, itagira abagenzi, itagira umuvugizi, ihagarara imbere ya Nero-mu maso h'uwo mwami hagaragara ivyifuzo vy'isoni vyabogaboga muri we; mu maso y'uwo ashengezwa herekana umutima ata co wiyagiriza imbere y'Imana. Ubuzima bwa Paulo bwari baranzwe n'ubukene, ukwiyanka, n'imibabaro. Atitayeho ingene na ntaryo abansi biwe bamuvuga ukutari ko, bamwambika ibara, bamuhohotera, bagerageza kumutera ubwoba, yashize hejuru ata bwoba ibendera ry'umusaraba. Co kimwe na Shebuja, ntiyagira aho akika umusaya, yari ingenzi, kandi co kimwe na We, yari yabayeho ku bwo guhezagira abari mw'isi. Vyari gushoboka bite ko Nero, umuntu mahindagu, ikirandamuke, gutwaza igitugu ata co bimutwaye, ngo atahure canke ashime kamere n'imvo z'uyu mwana w'Imana? Ico kibanza c'amakoraniro cari cuzuye isinzi ry'abantu, baje kuraba no kwumviriza ibigiye kuba. Abahambaye n'aboroheje ni ho bari, abatunzi n'aboro, abize n'abataco bazi, abibone n'abiyoroheje, bose ata n'umwe azi ukuri kw'inzira y'ubugingo n'agakiza.IN 257.2

    Abayuda bareze Paulo vya birego vya kera ngo agumura abantu kandi yigisha inyigisho z'ibinyoma, kandi baba Abayuda canke Abaroma bamurega ko ari we yoheje abaturiye igisagara ca Roma. Ico gihe bariko baramuhata ibirego, Paulo yagumye atekanye. AbanyagihuguIN 257.3

    n'abacamanza baramutangarira. Bari barumvirije imanza nyinshi kandi bari barabonye abagesera benshi, ariko ntaho bari bwigere babona imbohe ibonekako ubweranda mu buryo itekanye nk'iyo yari imbere yabo. Amaso y'intasobwa y'abacamanza, yamenyereye gusoma mu maso y'abanyororo, yagerageje kurondera mu maso ya Paulo ko hoboneka ikimenyetso co kwiyotsa icaha, ariko biba impfagusa. Igihe yemererwa kwiregura, bose bamwumvirije n'igishika cinshi.Paulo yongeye kuronka akaryo ko gushira hejuru ibendera ry'umusaraba imbere y'isinzi ry'abantu batangaye. Ubwo yatunga amaso iryo sinzi riri imbere yiwe,-Abayuda, Abagiriki, Abaroma, n'abanyamahanga bavuye mu mihingo myinshi,-umutima wiwe wuzuye icifuzo c'uko bokizwa. Yibagiye aho ari, akaga kamukikuje, n'urupfu rwasa n'uko rumwegereje. Abona gusa Yesu, Umwe avugira kandi akinginga imbere y'Imana ku bwo abanyavyaha. Paulo avuga ukuri kw'inkuru nziza mu mvugo y'igitangaza birengeye umwana w'umuntu, n'ubushobozi. Yerekeje abamwumviriza ku kimazi catanzwe ku bwo umuntu yaguye. Yemanze ko hatanzwe ikiguzi ntangere ku bwo agakiza k'umuntu. Vyose vyarateguwe ku bwiwe ngo aronke uruhara ku ntebe y'ubwami y'Imana. Ijuru rifatanijwe n'isi n'intumwa z'abamarayika , kandi ibikorwa vy'abantu, vyaba vyiza vyaba bibi, biri imbere y'ijisho ry’ Ubu tungane-Ntambibe.IN 258.1

    Uku ni ko umuvugizi w'ukuri, umwizigirwa hagati y'abatizigirwa, intungane hagati y'abatari intungane, ahagarara nk'icariho c'Imana, kandi ijwi ryiwe ni ijwi rikomoka mw'ijuru. Nta bwoba, nta gahinda, nta gucika intege mu majambo canke mu maso hiwe. Akomezwa no kwiyumva ko ari umwera, yambaye ibirwanishwa vy'ukuri, anezerezwa n'uko ari umwana w'Imana. Amajambo yiwe ameze nk'akamo k'intsinzi karengeye induru y'intambara. Yemanga igikorwa catumye atanga ubuzima bwiwe, ko ari co gikorwa conyene gusa kitazokwigera kineshwa. Naho yopfa, ubutumwa bwiza ntibuzopfa. Imana iriho, kandi ukuriIN 258.2

    kuzotsinda.Abenshi bamwitegereje uwo musi «babonye mu maso hiwe hasa n'ah'umumarayika.» Ivyakozwe 6:15. Nta na rimwe iryo koraniro ryari bwumve amajambo nk'ayo. Yaciye umurya wasamiraniye no mu mutima ukomantaye nk'ibuye. Ukuri, gutomoye kandi kwemeza, kwasenyuye ikinyoma. Umuco wakayanganiye mu bwenge bwa benshi mu nyuma banezerejwe no gukurikira imishwarara yawo. Ukuri kwavuzwe kuri uwo musi kwari kugendereye kunyiganyiza amahanga yose no kuzoramba mu bihe vyose, kugahindura imitima y'abantu mu gihe iminwa yakuvuze izoba icecekeye mu mva y'uwapfiriye ukwizera kwiwe. Nta na rimwe Nero yari bwumve amajambo nk'ayo yumvise uwo musi. Nta na rimwe yari bwahishurirwe ububisha bw'icaha ciwe. Umuco w'ijuru watobekeranije ivyumba vy'umutima wiwe wononekajwe n'icaha, maze ahindishwa agashitsi no kwumva ko hariho sentare azohagararamwo, we umwami w'isi, amaherezo akarengutswa, kandi ivyo yakoze bikaronka ingororano bikwiranye. Yatinye Imana y'iyo ntumwa, maze ntiyubahuka gutsindisha Paulo, uwo ibirego bitari vyaronse ivyemezo. Agatima k'ubwoba kamara umwanya gafatiriye umutima wiwe wamenyereye gusesa amaraso.IN 258.3

    Mu kanya gato ijuru ryugururiwe Nero uwo munyakibi yakomantaje umudma, kandi amahoro n'ubutungane aca asa n'uwuvyifuza. Uwo mwanya, umuhamagaro w'imbabazi na we nyene wari umushitseko. Ariko ico ciyumviro co gusaba imbabazi cabaye ico akanya gato. Nuko itegeko rivuga ko Paulo yosubizwa mw'ibohero; maze ubwo urugi rw'ibohero rwugarwa, urugi rwo kwihana kw'uwo mwami wa Roma ruba ruiugawe burundu. Nta mushwarara w'umuco w'ijuru wongeye kwinjira mu mwiza wari umutwikiriye. Bidatevye yari agiye kubabazwa n'uguhora kw'intahe y'Imana. Inyuma y'aho gato, Nero yafashe ubwato agiye mu ntambara rurangiranwa mu Bugiriki, aho yitesheje agaciro we n'ubwami bwiwe mu gukora ibintu biteye isoni kandi vy'imburakimazi. Agarutse i Roma n'icubahiro cinshi, yikoranirijeko abateramyi maze biyandagaza mu bushirasoni bw'agahomerabunwa.Hagati y'ibihimbaro vy'ubushirasoni humvikana ijwi ry'induru ivugira mw'ibarabara. Intumwa yarungitswe gusuma urusaku, igaruka izanye inkuru mbi ko Galiba, aherekejwe n'ingabo, ariko aregegereza Roma, ko umugumuko wateye mu gisagara/ kandi ko amabarabara yuzuye isinzi ry'abantu, bahiga barondera agatwe k'umwami n'abamushigikiye, bariko baregereza ikirimba.IN 259.1

    Muri ico gihe c'irinde, Nero ntiyari afise nk'umwizigirwa Paulo, Imana ishobora vyose kandi y'imbabazi yokwishimikiza. Ku bwo gutinya imibabaro n'urupfu rw'agashinyaguro vyomushikira ku bwo abo bagumutsi, uwo mwami atwaza igitugu yashatse kwiha urupfu ariko biramwanka mu nda. Atungwa n'ayo yameze yiruka nk'ikimaramare atagira ingabo zo kumukingira, arondera aho yihisha kure y'igisagara, maze yifuza ubuhungiro mu gihugu hagad nk'ibilometero bike uvuye mu gisagara, ariko ntiyaburonka. Bidatevye bavumbura aho yinyegeje, maze ubwo abagendera ku mafarasi bamukurikira bamwegereza, asaba umugurano ngo amwiyicire. Uko ni ko uwo mwami w'igitugu Nero yapfuye, akiri umusore, afise imyaka mirongo itatu n'ibiri.IN 259.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents