Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 38: Paulo Imbohe

    Iki kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe 21:17 Gushika 23:35

    «Dushitse i Yerusalemu, bene Data batwakirana umunezero. Bukeye bw'aho Paulo yinjirana na twe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bari.» Paulo n'abo bagendanye baboneraho akaryo ko gushikiriza ku mugaragaro abarongozi b'igikorwa i Yerusalemu imfashanyo zatanzwe n'amashengero y'abanyamahanga ngo bashigikire aboro bo muri bene Data b'Abayuda. Gukoranya izi mfashanyo vyari vyasavye iyo ntumwa n'abo bakorana umwanya munini, imyitwarariko n'uburuhe. Ayo mahera, yari arengeye cane ayo abakuru b'i Yerusalemu bari biteze, yasobanura ukwitanga gukomeye, mbere n'ukwiyima kw'abizera bavuye mu banyamahanga.IN 208.1

    Aya mashikanwa avuye ku mutima ubikunze yagaragaza Ubuyoboke abizera b'abanyamahanga bari bafitiye uburongozi bw'igikorawa c'Imana mw'isi yose, kandi ategerezwa kuba yakiriwe na bose n'umutima ushima, ariko vyagaragaye kuri Paulo no kuri bagenziwe ko hari muri abo bantu bari bahagaze imbere yabo harimwo bamwe batashoboye gushima umutima wa kivandimwe wari watumye batanga izo mfashanyo.IN 208.2

    Mu myaka ya mbere y'ubutumwa mu banyamahanga, bamwe muri bene Data b'abarongozi b'i Yerusalemu, bakomeza kwihambirira ku vyiyumviro n'urwikeko ataho bihagaze, ntibashigikiye Paulo n'abagenziwe n'umutima wose. Ku bwo kurondera kuzigama bimwe mu mihango n'ivya kera, bari bibagiye imihezagiro yari kubazako bo n'igikorwa bakunda cane, mu kigoro ko guhuza impande zose z'igikorwa c'Umwami. Naho bifuza cane kurinda inyungu z'ishengero rya Kristo, bari bananiwe kujana n'iterambere ry'uburongozi bw'Imana, maze mu bwenge bwabo bwa kimuntu bagerageza kuremereza abakozi ibintu vyinshi bidakenewe. Nuko hahaguruka abantu batamenyereye ihinduka kandi batazi ingorane abakozi bo mu mashengero ya kure bahwana nazo, ariko kandi bavuga bashimitse ko bafise ububasha bwo kurongora bene Data bo muri utwo turere tw'ivugabutumwa ngo bakurikize uburyo runaka bwo gukora.IN 208.3

    Biyumvira ko igikorwa co kuvuga ubutumwa bwiza gitegerezwa gukorwa mu buryo buhwanye n'ivyiyumviro vyabo.IN 208.4

    Imyaka myinshi yari yaheze kuva aho bene Data b'i Yerusalemu, hamwe n'abaserukira ayandi mashengero akomeye, bari batanze ivyiyumviro vyabo ku bibazo vyari vyavyutse ku vyerekeye uburyo bwakurikizwa n'abakorera mu banyamahanga. Inyuma y'iyo nama, bene Data bari bemeranije mu gutanga impanuro zitomoye zerekeye imihango n'imigenzo imwe imwe, harimwo n'uwo gukebwa. Ni muri iyi nama ya bose bene Data kandi bari bemeranije mu gusaba amashengero ya Kristo kwakira Paulo na Barunaba nk'abakozi babereye kwizigirwa n'umwizera wese. Mu bari muri iyo nama, hari bamwe bari banebaguye uburyo bwo gukora intumwa zikorera mu banyamahanga zakurikiza mu kubabwira ubutumwa bwiza. Ariko muri iyo nama, ivyiyumviro vy'abo ku mugambi w'Imana vyari vyagutse, maze bafatanya na bene Data mu gufata ingingo zituma abizera bose banama rimwe.IN 209.1

    Mu nyuma, igihe vyagaragara ko abizera bava mu mahanga bariko bariyongera vuba-vuba, hari bamwe muri bene Data barongoye igikorwa i Yerusalemu bongeye kugaruka kuri vya vyiyumviro vya kera vy'umwikeko birwanya uburyo Paulo na bagenziwe bakurikiza. Ibi vyiyumviro bitari vyo, bikomejwe n'imyaka myinshi yari ihaciye, gushika aho bamwe mu barongozi bafata ingingo ko igikorwa co kuvuga ubutumwa uhereye ubwo gitegerezwa gukurikiza ivyiyumviro vyabo. Paulo niyemera kujana n'amategeko bashira imbere ngo bazemera igikorwa ciwe kandi bagishigikire; ngo naho bitabaye bityo ntibazongera kukiraba neza n'ukugishigikira. Abo bantu bari bibagiye ko Imana ari yo Mwigisha w'abantu bayo; ko umukozi wiwe umwe umwe wese ategerezwa kuronka ubumenyi bwiwe bwite mu gukurikira Imana nk'Umurongozi, atishimikije uburongozi bw'abantu; ko abakozi biwe bategerezwa gukora no kugenda, atari nk'uko ivyiyumviro vy'umuntu bisaba, ahubwo nk'uko Imana ibishaka.IN 209.2

    Mu gikorwa ciwe co kuvuga ubutumwa, Paulo yari yigishije abantu «atari mu majambo y'ubwenge yo kwemeza abantu ahubwo vyaserukamwo Mpwemu n'ubushobozi.» . Ukuri yamamaza yari yaguhishuriwe na Mpwemu Yera, «Mpwemu asesa vyose, n'ibihishijwe vy'Imana. Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atari impwemu yiwe, iri muri we? Ni ko n'ivy'Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w'Imana. . . . Paulo avuga ati «Navyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n'ubwenge bw'abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy'impwemu n'ivy'iyindi mpwemu.» 1 Ab'i Korinto 2:10-13.IN 209.3

    Mu gikorwa ciwe co kuvuga ubutumwa, Paulo yari yisunze Imana ngo imubere umuyobozi. Hamwe n'ivyo, yari yitwararitse gukora yisunze ingingo z'inama nkuru y'i Yerusalemu, kandi ku bwo ivyo amashengero menshi «akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose.» Ivyakozwe 16:5. None ubu naho, atitayeho irarirari bamwe bamweretse, yaremeshejwe n'ugutahura ko yari yakoze igikorwa ciwe mu guhimiriza mu bakiriye ubutumwa umutima w'ubwizigirwa, wo gutanga, n'urukundo rwa kivandimwe, nk'uko vyigaragarije mu mfashanyo yashoboye gushikiriza abakurambere b'Abayuda.IN 209.4

    Amaze gushikiriza izo ngabire, Paulo «ababarira ivyo Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje.» Ivyo yabadondaguriye vyakoze ku mitima ya bose, n'abari bamye bakekeranya, bemera ko imihezagiro y'ijuru yari yaherekeje ibikorwa vyiwe. «Nabo bavyumvise bahimbaza Imana.» Batahuye ko uburyo iyo ntumwa yakoresha bwari bwemewe n'Imana. Imfashanyo zari imbere yabo zashigikiye igishingantahe c'iyo ntumwa cerekeye ubwizigirwa bw'amashengero masha yashinzwe mu banyamahanga. Ba bantu, naho baharurwa mu barongoye igikorwa i Yerusalemu, bari bategetse ko ingingo zitagira urufatiro zifatwa, zibona igikorwa ca Paulo mu muco musha kandi bemera ko inyifato yabo itari yo, ko bari baboshwe n'imigenzo n'imihango ya Kiyuda, kandi ko igikorwa c'ivugabutumwa cari caboshwe kubwo kudatahura ko igihome catandukanya Abayuda n'abanyamahanga cari cabomowe n'urupfu rwa Kristo.Ako kabaye akaryo keza kuri bene Data bose b'abarongozi kwatura vy'ukuri ko Imana yari yakoreye muri Paulo, kandi ko vyashitse bakazimira mu kureka ko ibirego vy'abansi biwe bibatera ishari n'urwikeko. Ariko aho kwambika izera uwo bari bakomerekeje, bamuhaye impanuro yerekana ko n'ubu bakomeje kwiyumvira ko aha nini Paulo ari we yatumye bamwiyumvirako ibintu bitari vyo. Ntibahagaze rugabo ngo bamushigikire, mu kwereka abari bagize nabi aho bihendeye, ahubwo barondera umwumvikano mu kumuhanura ngo akurikize inyifato yotuma ivyiyumviro vyose vyo kumubona nabi bivaho.IN 210.1

    Bavuze ngo «Urabona, mwene Data, ingene Abayuda bizeye ari ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry'ivyagezwe. Kandi babariwe ivyawe, yuko wigisha Abayuda bose bari mu banyamahanga guheba ivya Mose, ukavuga ngo ntibakwiye gukeba abana babo canke kugendera mu migenzo yacu. None icobimara ni iki? Ntibazobura kwumva ko waje. Nuko genza utya, uko tukubwira. Dufise abagabo bane bari n ico basezeranye. Ubajane wihumanurane na bo, ubaterere, ngo babone kwimosha maze bose bazomenya ko nawe ubwawe ugenda witonze, witondera n'ivyagezwe. Yamara ivyo abizeye bo mu banyamahanga, twanditse dushinze ko birinda kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, bo n'amaraso, bo n'ibinizwe, birinde no gusambana.»IN 210.2

    Bene Data bizera ko Paulo, mu gukurikiza iyo nyifato bamuhanuye, yovuguruza ibirego bitandukanye bamuvuzeko. Bamwemereye ko ingingo y'inama yakoranye yerekeye abizera b'abanyamanga n'ivyagezwe vy'imihango y'urusengero, vyabandanije. Ariko impanuro batanze ntiyari ihwanye n'iyo ngingo. Mpwemu w'Imana si we yabahaye iyo mpanuro; iyo mpanuro yari itewe n'ubwoba. Abarongozi b'ishengero ry'i Yerusalemu bari bazi ko badakurikije imihango y'ivyagezwe, Abakristo botuma Abayuda babazinukwa, maze bakikwegera agahamo. Sentare nkuru y'Abayuda yariko ikora uko ishoboye kwose kugira ngo ibuze iterambere ry'ubutumwa bwiza. Abantu bari baratowe.ngo bakurikirane intumwa, cane cane Paulo, ngo bakore igishoboka cose kurwanya igikorwa cabo. Abizera Kristo barezwe imbere ya Sentare nkuru y'Abayuda ko bahonyanga ivyagezwe, bari guhanwa bimwe vy'akarorero nk'abataye ukwizera kwa Kiyuda.IN 210.3

    Benshi mu bakiriye ubutumwa bwiza bakomeje gukurikiza ivyagezwe vy'imihango, kandi bari biteguye gukurikiza ibintu bidatomoye ngo bikundwakaze kuri bene wabo b'Abayuda, bizera ko muri ubwo buryo bohanagura urwikeko rwabo, n'ukubazana ku kwizera Kristo nk'Umucunguzi w'isi. Paulo yatahuye ko igihe cose abarongozi b'ishengero ry'i Yerusalemu bazokomeza kumwikeka, bazobandanya igikorwa ciwe. Yiyumviriye ko namba vyoshoboka ko bumvikana ku bintu ataco vyokwica, yoshobora kubumvisha ukuri akavana mu nzira intambamyi nini yabuza iterambere ry'ubutumwa bwiza mu bindi bibanza. Ariko Imana ntiyamwemerera ko ajana na bo mu vyo basaba vyose.IN 211.1

    Iyo twiyumviriye icifuzo ca Paulo co kubana amahoro na bene Data, ubugwaneza ku badakomeye mu kwizera, icubahiro yaha intumwa zabanye na Kristo, na Yakobo yavukana n'Umwami, n'intumbero yiwe yo kuba vyose kuri bose ariko adateye kubiri n'amategeko- iyo twiyumviriye ivyo vyose, ntibitangaje kubona vyabaye ngombwa ko ava ku rizima, agatera kubiri n'ingendo yari yakurikiye gushitsa n'ubu. Ariko aho gushika ku co yari yifuje, utwigoro twiwe two guhuza n'abandi twamuteje ingorane, twihutisha imibabaro yiwe, bituma atandukana na bene Data, atuma ishengero ritakaza imwe mu nkingi zikomeye, kandi bizanira agahinda Abakristo mu gihugu cose. Umusi ukurikira Paulo atangura gushira mu ngiro impanuro z'abakurambere. Ba bagabo bane bari musi y'isezerano ry'ubunaziri (guharura 6), ikiringo cabo cari kigiye kurangira, bajanwa na Paulo mu rusengero, «avuga igihe imisi yo guhumanurwa izoshikira, agenza atyo gushitsa aho ikimazi c'umuntu wese muri bo catangiwe.» Ibimazi bimwe bizimvye vyo kwihumanura ntivyari bwatangwe.IN 211.2

    Abari bahanuye Paulo kugenza atyo ntibari batahuye neza akaga kamurindiriye. Muri ico gihe, Yerusalemu yari yuzuye abaje gusenga bo mu mihingo nyinshi. Ku bwo igikorwa Imana yari yamuhaye, Paulo yari yarabwiye ubutumwa abanyamahanga, yari yaragendeye vyinshi mu bisagara binini vyo mw'isi, kandi yari azwi n'ibihumbi vy'abantu bava mu turere tw'abanyamahanga twose bari baje i yerusalemu kw'isabukuru. Muri abo bantu harimwo abagabo banka Paulo urunuka, kandi kuri bo kubona Paulo yinjira mu rusengero ku mugaragaro kwari ukwigerezako. Imisi myinshi yaraheze yinjira asohoka hagati y'abasenga, bisa n'uko batamukubita urugohe; ariko igihe c'iyo misi indwi igira ishire, ubwo yariko aravugana n'umuherezi ku vyo ibimazi bizotangwa, Abayuda bamwe bavuye muri Asiya baramumenya.IN 211.3

    Bamusimbirako n'ishavu ry'abadayimoni, batabaza ngo, «Bagabo b'Abisirayeli, mudutabare: Ngo uyu muntu yigisha hose abantu bose, akengereza ubu bwoko n'ivyagezwe n'aha hantu.» Maze ubwo abantu bishura uwo muhamagaro, ikindi kirego ciyongerako-«ikigeretseko, yazanye n'Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hera.»Ku bwo amategeko ya Kiyuda, cari icaha gihanishwa urupfu ku muntu atakebwe kwinjira mu bibuga vyo hagati y'ingoro yera. Bari babonye Paulo mu gisagara ari kumwe na Tirofimo, w’ Umunyefeso maze bibwira ko yamujanye mu rusengero. Nta vyo yari yakoze;kanatsinda we nk'Umuyuda, kwinjira mu rusengero nti kwari ukwica icagezwe. Naho ivyo bamurega vyari ibinyoma, vyatumye igisagara cose kivurungana. Ubwo akamo kasamiraniye mu rusengero, abo bantu bakoranye nk'ibirandamuke. Inkuru ica yamamara muri Yerusalemu yose, «igisagara cose kiravurungana, abantu barashwabaduka.»IN 212.1

    Kwumva ngo Umwisirayeli w’ umuhakanyi yubahutse guhumanya urusengero mu gihe ibihumbi vyari vyakoranye biva mu mihingo yose y'isi baje gusenga, vyatumye abantu bamera nk'inyamaswa. «Basumira Paulo, baramukwega bamukura mu rusengero: ako kanya bugara inzugi.» Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w'abasoda yuko abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.» Kalaudiyo Lusiyo yari azi uko imitwe y'abo bantu imeze, maze aca ajana abasoda n'abagabisha babo, abamanukira yihuta: Nabo babonye uwo mukuru w'intwazangabo n'abasoda, basigaho gukubita Paulo.» Naho atari azi imvo z iyo mivurungano, ariko abonye ko iryo sinzi ry'ibirandamuke rirondera Paulo, iyo ntwanzangabo y'Abaroma yibwiye ko ateregezwa kuba Umunyamisiri yumvise ko yateye umugararizo mu gihe gishize, yari yatorotse ibohero. Nuko rero «aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uwo ari we, n'ico yakoze ico ari co.» Buno nyene haza uruyogoyogo n'amajambo y'ishavu yo kumurega; «bamwe ukwabo abandi ukwabo: abujijwe n'uruyogoyogo kumenya ukuri, avuga ko bamujana mw'iboma. Ashitse ku ngazi y'amabuye abasoda baramuterura ku bwo ubusugurirwe bw'abantu. Kuko ishengero ry'abantu ryabaja inyuma, basemerera, kuraho uyo.» -IN 212.2

    Hagati y'iyo mivurungano iyo ntumwa yari itekereje, idahungabana. Umutima wiwe wari uhanze amaso Imana, kandi yari azi ko abamarayika b'ijuru bari kumwe na we. Yiyumva ko adakwiye kuva mu rusengero atabwiye ukuri bene wabo b'Abayuda. Bagira bamushikane mw'iboma, Paulo abaza umukuru w'intwazangabo, ati Wonkundira ijambo nkubarira?» Lusiyo yishura ati «Urazi Ikigiriki? Si wewe wa Munyamisiri yateye umugararizo mu gihe gishize, akajana mu bugaragwa abantu b'abicanyi ibihumbi bine? Paulo aramwishura ati «Ndi Umuyuda, umuntu w'i Taruso igisagara c'i Kihkiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.» Amukundiye, «Paulo ahagarara ku ngazi y'amabuye, yamama abantu.» Ico kimenyetso yagize catumye abantu bumviriza, kandi nawe ubwiwe yari ahagaze nk'umuntu yiyubashe. «Hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo ati, «Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebwe. Bumvise avuga amajambo y'Igiheburayo bamenyereye, «barushiriza gucereza,» nawe arabandanya bose bacereje ati: «Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso h'i Kilikiya, ariko nakuriye muri iki gisagara, nigishirizwa imbere y'ibirenge vya Gamahyeh nk'uko uruhande rugoye rw'ivyagezwe ruri, ngira ishaka ry'Imana, nk'uko namwe mwese murifise uyu musi.» Nta n'umwe yashobora guhakana amajambo y'iyo ntumwa, kuko ivyo yababwira vyari bizwi n'abantu benshi bari bakiba i Yerusalemu. Nuko ababwira ishaka yahoranye ryo guhiga abigishwa ba Kristo, mbere no gushika abice; kandi ababwira ingene yahindutse Umukristo, abwira abamwumviriza ingene umutima wiwe w'ubwibone wagondojwe ukunamira Umunazareti yabambwe. Iyo agerageza guharira n'abamurwanya, bari guca bishira hejuru bakanka kwumviriza amajambo yiwe; ariko ivyo yavuga vyamubayeko vyarimwo ubushobozi bubemeza ku buryo mu kanya kamwe basa n'uko boroshe kandi bicishije bugufi.IN 213.1

    Aherako agerageza kubereka ko igikorwa ciwe co gukorera mu banyamahanga kitavuye ku guhitamwo kwiwe.. Yari yifuje gukorera igihugu ciwe; ariko muri urwo rusengero nyene havuye ijwi ry'Imana rivugana na we nko mw'iyerekwa, maze rihindura inzira yarimwo «ntumwa kure ku banyamahanga.» Kugeza ngaha bari bamwumviriza neza, ariko Paulo ageze kw'ijambo aho avuga ko yatumwe kuba icariho ca kristo ku banyamahanga, ishavu ryongera riraziriringa. Kuko bari bamenyereye kwibona nk'ihanga ryo nyene ryagiriwe ubuntu n'Imana ntibemera kureka ngo abanyamahanga basangire na bo imigisha babona ko ari iyabo bonyene. Baduza amajwi yabo hejuru y'ijwi rya Paulo, basemerera ngo «Kura Uwumeze atyo mw'isi: nakare ntiyari abereye kubaho.» «Bamaze kumubohesha imigozi, Paulo abaza umukuru w'intwazangabo w'abasoda ijana ahagaze aho, ati Mbega biremerewe ko mukubita umuntu w'Umuroma, kandi ata rubanza rwamutsinze? Iyo ntwazangabo ivyumvise, ija ku mukuru w'intwazangabo, arabimumenyesha, ati ugira ukore iki? Erega wa muntu ni Umuroma. Uwo mukuru w'intwazangabo araza, aramubarira ati Jewe naguze ubwo buroma amahera menshi. Paulo ati Ariko jeho nabuvukiyemwo. Nuko abari bagiye kumucaca baca baramureka; umukuru w'intwazangabo na we aratinya, amenye ko ari Umuroma, kandi yamuboshe.IN 213.2

    «Bukeye bw'aho, agomvye kumenya neza ico Abayuda bamurega ico ari co, aramubohora, agera ko abaherezi bakuru bakorana n'abanyekombe bose, amanukana Paulo, amuhagarika imbere yabo.»Iyo ntumwa yari igiye gucibwa urubanza na sentare we ubwiwe yahoze ari umwe mu bayigize imbere y'uko ahindukirira Imana. Ubwo yahagarara imbere y'abategetsi b'Abayuda, yari atekanye, mu maso hiwe hagaragaza amahoro ya Kristo. «Ahanga amaso abanyekombe,» avuga ati «Bagabo bene Data, namanye umutima utarimwo ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y'Imana gushitsa kuri uyu musi. Bumvise ayo majambo, urwanko rwabo rwongera kuvyuka; «maze Ananiya, umuherezi mukuru abarira abamuhagaze i ruhande ku mukubita ku munwa. Kuri iryo tegeko bunyamaswa, Paulo asemerera ati «Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejweko ingwa: mbega wewe ko wicaritswe kuncira urubanza nk'uko ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n'ivyagezwe?» «Abari bahagazeho, bati Mbega uratuka umuherezi mukuru w'Imana? Paulo mu rupfasoni asanganywe yishura ati, «Si nari ndamuzi, bene Data, ko ari umuherezi mukuru: kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bwoko bwanyu.IN 214.1

    «Maze Paulo amenye yuko umuce umwe ari uwo Abasadukayo, uwundi uwo Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, ndi Umufarisayo, ndi umwana w'Abafarisayo: ivyizigiro vy'ibizoba n'ukuzuka kw'abapfuye ni vyo bimpagaritse muri izi manza. «Avuze atyo, haduka ibihari mu Bafarisayo n'Abasadukayo, abanyarukinja birema ibice. Kuko Abasadukayo bahakana yuko ata kuzuka kuriho, canke abamarayika n'impwemu; ariko Abafarisayo bavyemera vyompi.» Izo mpande zibiri zitangura guharira, gutyo inkomezi z'ukurwanya Paulo ziba ziraheze. «Bamwe mu banyabwenge b'ivyanditswe bo mu muce w'Abafarisayo bava hasi baraharira, bati Nta kibi twabonye kuri uyu muntu: ariko namba impwemu canke umumarayika yavuganye na we, ni mureke rero ntiduhave turwanya Imana.»IN 214.2

    Mu bizazane vyakurikiye, Abasadukayo bagerageje uko bashoboye ngo bacakire Paulo bamwice; ariko abafarisayo bo bagerageza gukora uko bashoboye ngo bamukingire. «Umukuru w'intwazangabo z'abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke, zimujane mw'iboma.»Mu nyuma, igihe yiyumvira ku vyabaye mu rubanza rw'uyo musi, Paulo atangura gutinya ko kumbure inyifato yiwe yoba itashimishije Imana. Yoba yagize ikosa mu kugenda i Yerusalemu? Icifuzo ciwe co kwiyunga na bene Data coba ari co cateye iyi ngaruka iteye ubwoba? Inyifato Abayuda nk'ubwoko bw'Imana bafata imbere y'abanyamahanga yateye Paulo agahinda kenshi. Abo bategetsi b'abapagani bababona gute?- kwirata ko basenga Yehova, kandi ko bakora igikorwa cera, ariko bakemera gutwarwa n'ishavu ry'uruhumyi ritagira umutwe n'amaguru, barondera no kwica bene wabo bubahuka gutandukana na bo mu kwizera kw'idini, kandi bagahindura inama y'urubanza imbuga y'imitongano n'urudubi. Paulo yumva ko izina ry'Imana yiwe ryatutswe mu maso y'abapagani. None ubu yari mw'ibohero, kandi yari azi ko abansi biwe, kubera baburaniwe mu buryarya bwabo, bazorondera inzira zose zishoboka ngo bamwice. Vyoba ari vyo ko igikorwa ciwe ku bwo amashengero cari kirangiye kandi ko amabingira y'inkazi yari agiye kwinjira? Paulo yaritwararika cane igikorwa ca Kristo, maze yiyumvirana umwitwarariko akaga kazoza ku mashengero asanzaye, ageramiwe n'agahamo k'abantu nk'abo yarl yahuye nabo muri sentare nkuru y'Abayuda. Yicwa n'agahinda n'ugucika intege, aherako ararira kandi arasenga.IN 214.3

    Muri iyo saha y'umwiza, Umwami ntiyari yirengagije umushumba wiwe. Yari yamurinze ibirandamuke vy'abicanyi mu bibuga vy'urusengero; yari yabanye na we imbere ya sentare nkuru y'Abayuda; yari kumwe na we mw'iboma; kandi yihishuriye icabona ciwe c'intungane mu kwishura amasengesho y'iyo ntumwa igihe yasaba ko amuyobora. «Ijoro ry'uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Humura; nk'uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.»Paulo yari yarifuje kenshi kugendera i Roma; yifuza kuhashingira intahe Kristo, yari yabonye ko umugambi wiwe waburijweyo n'urwanko rw'Abayuda. Ntiyibaza mbere n'ubu ko azojayo ari imbohe. Ubwo Umwami Yesu yaremesha umusuku wiwe, abansi ba Paulo bobo bariko baraja imigabo yo kumwica. «Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bisiba yuko batazorya ndbanywe batarica Paulo. Abahize batyo basaga mirongo ine.»IN 215.1

    Uku kwisonzesha kwasa na kumwe Uhoraho yagaya aciye mu kanwa ka Yesaya-ukwisonzesha kw'amahane n'imitongano, no gukubitana ibipfunsi vyo kugiriranira nabi.» Yesaya 58:4.IN 215.2

    Abahize kumwica «baja ku baherezi bakuru n'abakui u, bati Twarahiye twisivye bikomeye yuko ata co tuzotamira tutarica Paulo. Nuko rero mwebwe n'abanyekombe, ni mubwire umukuru w'intwazangabo z'abasoda amubamanukanire, nk'abarondera gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikira, twiteguye kumwica.»Aho kwiyamiriza uyu mugambi w'ubwicanyi, abaherezi n'abatware bemera uwo mugambi. Paulo yari yavuze ukuri igihe yagereranya Ananiya n'urusika rukuyengejweko ingwa. Ariko Imana yahagaze hagati ikingira ubuzima bw'umusuku wayo. Umwishwa wa Paulo, yumvise «uwo mutego» w'abo bicanyi, «araza ashika mw'iboma, abibarira Paulo. Paulo ahamagara umwe mu ntwazangabo z'abasoda ijana, ati jana uyu muhungu ku mukuru w'intwazangabo z'abasoda; afise ijambo amubarira. Nawe aramujana amushira uwo mukuru w'intwzangabo, ati Va mbohe Paulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uyu muhungu, afise ico akubarira.»IN 215.3

    Kilawudiyo Lusiya yakira neza uwo muhungu, aramwihereranya, aramubza ati, «Ico ufise kumbarira ni iki? Wa muhungu yishura ati,IN 216.1

    «Abayuda bahuje inama yo kukwinginga ngo ejo uze umanukane Paulo mw'ikombe, nk'uwugomba kubaza ivyiwe ngo urushirize kubimenya neza. None rero ntuje kubumvira, kuko abantu babo basaga mirongo ine bamuryamiye, barahiye bisivye ko batazorya ntibanywe bataramwica: kandi none bariteguye, barorereye ico uribubemerere.»Uwo mukuru arungika uwo muhungu, amaze kumwihanikiriza, ati Ntugire umuntu ubarira yuko umenyesheje ivyo.» Buno nyene Lusiyo aca afata ingingo yo gukura Paulo mu karere atwara amunmgike mu karere karongowe na Feliki, icegera ca Kayisari. Abayuda bari ubwoko bukunda kugumuka, kandi imivurungano kuri bo vyari ibintu bisanzwe. Kuba Paulo akomeje kuboneka i Yerusalemu vyari kuzana inkurikizi mbi ku gisagara mbere no kuri uwo mutegetsi ubwiwe. Nuko «ahamagara babiri bo mu ntwazangabo z'abasoda ijana, arababarira, ati ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariyo, n'abagendera ku mafarasi kugira ngo bayashireko Paulo, bamushikane kwa Fehki icegera ca Kayisari akiri muzima.»IN 216.2

    Nta mwanya wo gutakaza mu kurungika Paulo. «Nuko abasoda bafata Paulo uko babariwe, bahenga mw'ijoro bamujana muri Antipatiri.» Bagezeyo, basigayo abagendera ku mafarasi, ngo abe ari bo bajana nawe i Kayisariyo, ba basoda amajana ane basubira i Yerusalemu. Umukuru w'intwazangabo yarongora uwo mugwi ashikiriza iyo mbohe Feliki, amuha n'ikete yari yaherejwe n'umukuru w'intwazangabo: «Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganutsa wewe Fehki umwubahwa, icegera ca Kayisari. None uyu mugabo Abayuda bari bamaze kumuta mu maboko ngo bamwice, nanje menye ko ari Umuroma nzanana n'ingabo ndamubakiza. Kandi nshatse kumenya ico bamurega, ndamumanukana mw'ikombe ryabo. Mbona yuko bamurega amajambo y'ivyagezwe vyabo, ariko ko ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha. Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.» Amaze gusoma iryo kete, Feliki arondera kumenya intara Paulo akomokamwo, maze yumvise ko ari uwo i Kilikiya, avuga ati, «Nzokwumviriza. . . abarezi bawe ni bamara kuza. Agera ko bamurindirira mw'iboma ya Herode.» Ivyo vyashikiye Paulo ntivyari ivya mbere, aho umusuku w'Imana aronkera ubuhimgiro mu bapagani, agakingirwa ubwicanyi bw'abiyita ubwoko bwa Yehova. Mu kurakarira Paulo, barushirije kwongereza ububi ku bantu bariko bagaragaza kahise kabo. Babandanije gukomantaza imitima yabo bagwanya ukuri, maze iryavuzwe kuri bo riba riratashe.IN 216.3

    Ni bake batahura ubusobanuro bw'amajambo Kristo yavuze, igihe yatangaza mw'isinagogi i Nazareti ko ari Uwasizwe Amavuta. Yatangaje igikorwa yatumwe co kuremesha, guhezagira, no gukiza abari mu kababaro n'abanyavyaha; maze abonye ubwibone n'ukutizera vyaranga abamwumviriza, niko kubibutsa ko mu bihe vyashize Imana yateye umugongo ubwoko bwiwe yatoranije kubera ukutizera n'ubugarariji, kandi ko yiyeretse abo mu bapagani batanse kwakira umuco w'ijuru. Wa mupfakazi w'i Zarefati na Namani Umusiriya bari bagendeye mu muco wose bari bararonse; gutyo rero baharuwe nk'abagororotse kuruta ubwoko Imana yatoranije bari barihakanye Imana kandi bagaheba amategeko yayo ngo bironkere icubahiro c'isi. Kristo yabwiye Abanyanazareti ukuri guteye ubwoba igihe yavuga ko Isirayeh yasubiye inyuma itazoha nirwere intumwa itunganye y'Imana. Ntibazotahura akamaro canke ngo bishimire ibikorwa vyiwe. Naho abarongozi b'Abayuda bigamba ko bafitiye umwete icubahiro c'Imana n'ineza ya Isirayeli, bari abansi b'Imana n'ab'Isirayeli. Mu mvugo no mu ngiro, barongora abantu kure y'ukwubaha Imana-babayobora aho itashobora kubarwanira ku musi w'akaga.IN 217.1

    Amajambo Umukiza yabwiye Abanyanazareti abihaniza yari ukuri, ku biraba ivyashikiye Paulo. Nti yari ukuri ku Bayuda batizera gusa, ahubwo no kuri bene Data mu kwizera. Iyo abarongozi b'ishengero baheba ivyiyumviro bibi bafitiye iyo ntumwa, maze bakamwakira nk'intumwa idasanzwe y'Imana yo kubwira ubutumwa bwiza abanyamahanga, Umwami yari kumubazigamira. Imana ntiyari yategetse ko ibikorwa vya Paulo bihagarara vuba gutyo, ariko nta gitangaza yakoze ngo ibuze ingorane abarongozi b'ishengero rya Kristo i Yerusalemu bari bateje.IN 217.2

    Umutima nk'uwo n'ubu uracafise ingaruka zisa n'izo. Kwirengagiza gushima n'uguteza imbere ingabire z'ubuntu bw'Imana vyanyaze ishengero imigisha myinshi. Ni kenshi Umwami yohaye igihe kirekire umukozi w'umwizigirwa ngo akore igikorwa ciwe, iyo ibikorwa vyiwe bishimwa! Ariko iyo ishengero riretse ngo umwansi w'imitima yonone ugutahura, maze bakiyumvira ukutari ko amajambo n'ibikorwa vy'umusuku wa Kristo; iyo biyemeje kumubera intambamyi kandi bakamubuza ico yomara, Umwami rimwe na rimwe abaka imihezagiro yari yarabahaye. Satani yama na ntaryo akorera mu bikoresho vyiwe ngo avune umutima kandi arandure abantu Imana yatoranije ngo bakore igikorwa gihambaye. Bashobora n'ukuba biteguye guheba ubuzima bwabo ku bwo iterambere ry'igikorwa ca Kristo, ariko wa mubeshi mukuru azoshira mu mitwe ya bene Data gukekeranya kuri bo, ku buryo ivyo vyiyumviro bibandanije bishobora gutuma. babakurako icizere no gukekeranya ko ari intungane muri kamere kabo, ivyo navyo bigasubiza inyuma akamaro kabo. Kenshi Satani arashobora kubateza imibabaro abicishije muri bene Data, ku buryo Imana mu buntu bwayo ibanguranya mu guha akaruhuko umusuku wayo ageramiwe n'itotezwa. Ibiganza bimaze kurambikwa ku mutima wiwe wahagaze gutera, igihe rya jwi ryababurira kandi rikabaremesha ryashengereye mu gacerere, ba bantu bikomantaje imitima bashobora kwuguruka amaso kandi bagatahura agaciro k'imihezagiro banyazwe. Urupfu rwabo rushobora gukora ico ubuzima bwabo butashoboye gukora.IN 217.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents