Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 4 : Pentekote

    Iki kigabane gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 2:1-39.

    Uko abigishwa basubira i Yerusalemu bavuye ku musozi wa Elayono, abantu barabitegereje, biteze kubona mu maso yabo ibimenyetso vy'agahinda, kuzazanirwa n'ugutsindwa; ahubwo babonye akanyamuneza n'intsinzi. Abigishwa ntibagandaye ku bw'ivyizigiro bitabonye inyishu. Bari babonye Umukiza wabo yazutse, kandi amajambo y'isezerano ryiwe rya nyuma yaguma asamirana mu matwi yabo. Kubwo kwubaha itegeko rya Kristo, barindiririye i Yerusalemu isezerano rya Data- Gusukwa kwa Mpwemu. Ntibarindiriye bareze amaboko. Ivyanditswe bivuga ko «bama mu rusengero ubudasiba bashima Imana.» Luka 24 :53. Barakoranira hamwe kandi ngo bashikirize ibibazo vyabo Data mw'izina rya Yesu. Bari bazi ko bafise uwubasereukira mw'ijuru, uwubaburanira imbere y'intebe y'Imana. Baraca bugufi mu gusenga, n'icubahiro cinshi, basubiramwo ivyizigiro: «Ico muzosaba Data cose, azokibaha mw'izina ryanje. Kugeza ubu ntaco mwasavye mw'izina ryanje: musabeIN 17.3

    muzohabwa, ngo umunezero wanyu wuzuzwe.» Yohana 16:23, 24. Bakomeje kuramvura cane ikiganza c'ukwizera, bishimikije aya majambo : Ni Kristo Yesu, kandi niwe yapfuye, ibibiruta yarazutse, ari i buryo bw'Imana, bitayeko aradusengera.» Abaroma 8 : 34.IN 18.1

    Uko abigishwa barindira ko iryo sezerano risohora, niko bicisha bugufi mu mitima bihana ata budyadya, kandi batura ukutizera kwabo. Bagerageje kwibuka amajambo Kristo yari yababwiye atarapfa, baratahuye neza ubusobanuro bwayo. Ukuri bari baribagiye kwongeye kugaruka mu bwenge bwabo, hanyuma barakwibutsanya. Baricuza impamvu batahuye Umukiza ukutari ko. Ubuzima bwiwe butangaje bwaca imbere yabo, ido n'ido, nk'urugendo. Uko biyumvira ku buzima bwiwe butagira akanenge, bwera, batahuye ko ata gikorwa na kimwe coba kiruhije, canke ukwitanga kwoba gukomeye, igihe gusa boshobora mu buzima bwabo gushingira intahe ubutore bwa kamere ya Kristo. Bariyumvira bati, ese icoduha tukongera kubaho ya myaka itatu yaheze, twokwigenza ukundi! Icobaha bakongera kubona Umwigisha wabo, bokwihatira kumwereka urukundo bamukunda, n'ingene mu vy'ukuri batewe agahinda n'uko bamubabaje mu majambo canke mu bikorwa vyo kutizera ! Ariko batewe intege n'ukwumva ko bababariwe. N'uko bafata ingingo ko, bazokora uko bashoboye, ngo barihe ukutizera kwabo mu kumwemangira imbere y'isi.IN 18.2

    Abigishwa barasenze bashimitse kugira ngo baboneke nk'ababereye imbere y'abantu bahura, kandi mu migenderanire yabo ya buri musi bagerageza kuvuga amajambo yoshobora kuzana abanyavyaha kuri Kristo. Bashize i ruhande ibibatandukanya vyose, ivyifuzo vyabo vyo kuba bakuru, bishira hamwe mu bucud bwa kivandimwe. Bakomeza kwiyegereza Imana. Gutyo rero batahura ko bari baronse amahirwe adasanzwe, mu kwemererwa kubana hafi na Kristo. Imitima yabo yuzuye akababaro bibutse ingene ibihe vyinshi bamubabaje kubwo kudatahura vuba kwabo, kudatahura ivyigwa yagerageje kubigisha ku bw'ineza yabo.IN 18.3

    Iyo misi yo kwitegura yabaye imisi yo gusesangura mu mutima. Abigishwa baratahuye ubukene bwabo mu vya Mpwemu, niko gutakambira Umwami ngo abahe ugusigwa lcwera kwari kubashoboza gukora igikorwa co gukiza imitima. waro wo gukiza imitima. Baratahuye k'ubutumwa bwiza bwategerezwa kujanwa mw'isi. Niko gusaba rero ubushobozi Kristo yari yarabemereye. Mu gihe c'abakurambere, igikorwa ca Mpwemu rimwe na rimwe cari carahishuwe mu buryo bugaragara, ariko nta na rimwe vyabaye mu buryo bwuzuye. Ubu rero, kugira ngo bagamburukire ijambo ry'Umukiza, abigishwa baratakamvye ngo baronke iyo ngabire, Yesu nawe mw'ijuru yongerako amasengesho yiwe. Yarasavye iyo ngabire ya Mpwemu, kugira ngo ayisuke ku bantu biwe. «Umusi wa Pentekote ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe bafise umutima umwe. Haza igihinda kivuye mw'ijuru giturumbuka, nk'uguhuhuta kw'umuyaga w'inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo.»IN 18.4

    Mpwemu yaje ku bigishwa bari barindiriye basenga, yuzuye ku buryo yashitse mu mutima wa buri wese. Isumba vyose yihishuriye ishengero ryayo mu bushobozi. Vyasa n'uko mu bihe vyashize ubwo bubasha bwari bwiyerekanye ku rugero ruto, ariko noneho Ijuru ryanezerejwe no gushobora gusuka kw'ishengero ubutunzi bw'ubuntu bwa Mpwemu. Kandi ku bw'igikorwa ca Mpwemu, amajambo y'akababaro n'ukwatura yavanzwe n'indirimbo zo kuninahaza kubera kubabarirwa kw'ivyaha. Amajambo yo gushima n'ayo kuvugishwa yarumvikanye. Ijuru ryose uko ryakabaye ryarunamye ryihweza kandi rishima urukundo ntangere rurengeye ubwenge. Intumwa zaratangaye, zitera akamo ziti: «Uru ni urukundo koko.» Barakorakoze iyo ngabire yatanzwe. None hakurikiye iki ? Inkota ya Mpwemu, yanowe busha n'ubushobozi kandi yogejwe mu miravyo y'ijuru, yaratoboye inzira mu mitima itizera. Ibihumbi n'ibihumbi vyarihanye ku musi umwe.IN 19.1

    Kristo yabwiye abigishwa biwe ati, «Ikizogira ico kibamarira, n'uko jewe ngenda.» ; Kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe. Ariko ni nagenda nzomubarungikira.» «Ariko uwo Mpwemu w'ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivy'azokwumva vyose nivyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize.» Yohana 16:7,13. Kuduga kwa Kristo mw'ijuru kwabaye ikimenyetso ko abamukurikiye bagira baronke umugisha basezeraniwe. Bategerezwa kurindira uwo mugisha imbere y'uko binjira mu gikorwa cabo. Igihe Kristo yinjira mu marembo yo mw'ijuru, yimitswe hagati y'amasengesho y'aBamarayika. Buno nyene iyi nteguro iheze, Mpwemu Yera yaciye amanuka asukwa ku bigishwa, kandi Kristo yarahawe icubahiro, mbere nka ca cubahiro yari afise hamwe na Se ibihe bidashira. Gusukwa kwa Mpwemu ku musi wa Pentekote, kwari nk'uko ijuru ryari rivuze riti iyimikwa rya Kristo rirarangiye. Nk'uko yari yarabisezeranye, yarungitse ku bigishwa Mpwemu Yera avuye mw'ijuru, nk'ikimenyetso ko, nk'umuherezi n'umwami, yaronse ububasha bwose mw'ijuru no mw'isi, kandi ko ari Uwarobanujwe amavuta ku bw'abantu biwe.IN 19.2

    «Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk'ivy'umuriro; bibazako umwe umwe. Bose buzuzwa Pwemu Yera, batangura kuvuga izindi indiini, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.» Mpwemu Yera, mw'ishusho y'indimi z'umuriro, yamanutse ku bari bakoranye. Ico cari ikimenyetso c'iyo ngabire abigishwa bari baronse, yabashoboje kuvuga ata ngorane indimi batari bwigere bavuga hambere. Ukuboneka kw'umuriro kwasobanura umwete intumwa zizokorana, n'ubushobozi buzobaherekeza mu gikorwa cabo. «I Yerusalemu hari Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bari baravuye mu mahanga yose yo musi y'ijuru. Igihe Abayuda bangazwa, basanzaye hafi muri buri gace ko kw'isi karimwo abantu, kandi mu buhungiro bari barize kuvuga indimi nyinshi. Benshi muri abo Bayuda bari i Yerusalemu kuri uwo musi, baje mu misi mikuru yariko irahabera. Buri rurimi ruzwi rwari rufise umuntu aruserukira muri abo bantu bakoranye. Indimi nyinshi zari kubera intambamyi kwamamaza ubutumwa bwiza; Niho rero Imana yakora igitangaza kugira akureho ingorane intumwa zari kugira. Mpwemu Yera yabakoreye ico batari kwishoboza mu buzima bwabo. Ubu rero barashobora kwamamaza ukuri mu bihugu vyo hanze, bavuga neza indimi z'abo bariko barakorera. Iyo ngabire y'igitangaza yari ikimenyamenya kw'isi ko igikorwa bashinzwe gukora cateweko igikumu n'Ijuru. Uhereye ico gihe abigishwa bavuga ururimi rutomoye, rworoshe, kandi rutagira amahinyu, haba mu rurimi kavukire canke ururimi mvamahanga. «Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuko umuntu wese yumvise ururimi rw'i wabo baruvuga. Barumirwa bose, baratangara, bati Mbega aba bose bavuga si Abanyagalilaya ? Kandi n'iki gitumye twese tubumva bavuga indimi z'i wacu izo twavukanye ?»IN 19.3

    Abaherezi n'abategetsti babonye ivyo bitangaza ishavu riraniga, ariko ntibashobora gushika ku cifuZo cabo c'ubunyamaswa, kubera batinya ko abanyagihugu bagumuka. Bari barishe Umunyanazareti; none raba abasuku biwe, Abanyagalilaya batize amashure, bavuga mu ndimi zose zibaho inkuru z'ubuzima bwiwe n'ibikorwa vyiwe. Abaherezi, bigira inama yo gusobanura ubushobozi bw'abigishwa mu buryo bwa kimuntu, bavuga ko bari baborewe kubera banyoye bakarenza urugero vino nshasha yateguwe ku bw'umusi mukuru. Bamwe mu banyagihugu b'ibijuju baherako bavyizera nk'ukuri, ariko abandi bafise ubwenge barahinyuye ko arl ikinyoma; kandi abumva izo ndimi zitandukanye barashinze intahe z'ingene abigishwa bazivuga neza ata gukekeranya.IN 20.1

    Petero mu kwishura ico kirego yaberetse ko ivyo bitangaza ari ubuhanuzi bwa Yoweli busohoye, aho yavuga ko ubushobozi nk'ubwo buzoza ku bantu ngo bubashoboze gukora igikorwa kidasanzwe. «Yemwe Bayuda n'ab'i Yerusalemu mwese, ibi rvi mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje. Aba ntibaborewe, nk'uko muvyiyumvira, kuko ubu ari isaha zitatu z'umusi, ariko ivyo ni ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yoweli, ati bizoba mu misi y'iherezo, niko Imana yagize, nzosuka Mpwemu wanje ku bari n'umubiri bose : kandi abahungu n'abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n'imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, n'abatama banyu bazorota inzozi. Mbere n'abagurano banje b'abahungu n'abakobwa muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.»IN 20.2

    Petero yavuze yemanga n'ubushobozi, ashingira intahe urupfu n'izuka vya Kristo:«Yemwe bagabo b'Abisirayeli, nimwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirije kuri mwebwe ibitangaza n'utwumiza n'ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk'uko mubizi, ubwanyu: Uwo muntu... mwaramufashe, mumubambisha amaboko y abagarariji, muramwica. Arikw’ Imana yaramuzuye, ibohoye ibise vy'urupfu: kuko bitashobotse ko rumugumya.»IN 21.1

    Petero ntiyacishije mu kanwa ivyerekeye inyigisho za Kristo ngo ashigikire amajambo yiwe, kuko yari azi ko abo yabwira bazishizemwo nabi cane, ku buryo amajambo yiwe yari kugwa ku rutare. Ahubwo yababwiye ivya Dawidi, uwo Abayuda bemera nk'umwe wo mu bakurambere b'igihugu cabo. «Dawidi yavuze ivy'uwo, atinabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, kuko ari i buryo bwanje, ngo sinyiganyige. Nico gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, kandi n'umubiri wanje uzoruhukira mu vyizigiro; kuko utazoreka ubugingo bwanje ngo buje i kuzimu, kandi ntuzotanga Uwera wawe ngo aze abore...IN 21.2

    Bagabo bene Data, si ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambwa, n'imva yiwe iri ngaha ino muri twebwe na bugingo n'ubu.» «Yavuze... ivyo ukuzuka kwa Kristo abibonye bitari bwabe, yuko atarekewe mu kuzimu, kandi n'umubiri wiwe ataho wigeze ubora. Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.» Ivyo vyari ibintu biteye igomwe. Ehe nawe abantu bavuye mu mihingo yose y'isi kwumviriza ingene abigishwa bashingira intahe ukuri nk'uko nyene kuri muri Yesu. Barihuta baca hagati y'abantu binjira mu rusengero. Abaherezi n'abategetsi bari aho, n'ishavu ryabo ry'inyamaswa rikigaragara ku maso yabo, imitima yabo icuzuye urwanko banka Kristo, intoke zabo zitarakaraba amaraso basheshe igihe babamba Umukiza w'isi. Bibaza ko basanga intumwa zifise ubwoba ku bw'agahahazo n'ubwicanyi, ahubwo basanga nta bwoba bafise kandi buzuye Mpwemu, batangaza n'ubushobozi ko Yesu Umunyanazareti ari Imana. Bumva bavugana ubushizi bw'amanga ko Uwo baherutse gusuzugura, bakamucokora, bakamukubitisha iminwe y'abicanyi, bakamubamba, ari Umwami w'ubugingo, ubu yahawe icubahiro i buryo bw'i Mana.IN 21.3

    Bamwe mu bumvirije intumwa bari mu bari bagize uruhara rukomeye mu gucira urubanza no kwica Kristo. Amajwi yabo yari yafatanije n'abanyagihugu mu gusemerera ngo n'abambwe. Igihe Vesu na Baraba bahagarara imbere yabo mu rubanza hanyuma Pilato akabaza ati, «Uwo mugomba ko ndabarekurira ninde ?» basemereye ngo, «si uyu Mugabo, ahubwo turekurire Baraba !» Matayo 27 :17; Yohana 18 :40. Igihe Pilato yabahereza Kristo ngo abambwe, avuga ngo, «Ni mube ari mwebwe mumwishorera mumubambe : kuko jewe nta gicumuro mbonye kuri we;» «Jeho ndacuna ku bw'amaraso y'uyu mugororotsi,» basemereye ngo, «amaraso yiwe araba ari twebwe akora n'abana bacu.» Yohana 19 :6; Matayo 27 :24,25.IN 22.1

    Noneho bumva abigishwa bemanga ko uwo babamvye yari Umwana w'Imana. Abaherezi n'abategetsi baranyuzwe kandi bicwa n'agahinda. «Bibacumita mu mitima, babaza Petero n'izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute ?» Muri abo bumvirije abigishwa harimwo abayuda b'umutima, batagira uburyarya mu kwizera kwabo. Ubushobozi bwaherekeza amajambo yiwe bubemeza ko Yesu vy'ukuri yari Mesiya. «Petero arabishura, ati ni mwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw'izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwe ingabire ya Mpwemu Yera. Kuko isezerano ari iryanyu kandi ari iry'abana banyu, n'abari kure bose, abazohamagarwa bose n'Umwami Imana yacu.»IN 22.2

    Petero yatashe yemeje abantu ko banse Kristo kubera bahenzwe n'abaherezi n'abategetsi; kandi ko nibakomeza gusaba inama abo bantu, bakabahanga amaso kugira bemere Kristo, batazokwigera bamwakira. Abo bagabo b'ubushobozi, n'aho bigira abubaha Imana, bari batwawe umutima n'amaronko y'isi, n'icubahiro. Ntibashaka kuza kuri Kristo ngo bakire umuco. Ku bwo kumurikirwa n'uwo muco ukomoka mw'ijuru, Ivyanditswe Kristo yari yarasiguriye abigishwa vyagaragaye ko ari ukuri kutagabanije. Igihuzu cari cabakingiriye ngo ntibabone ku mpera y'ivyari vyarakuweho, noneho cari kihavuye, niko gutahura neza intumbero y'icari cazanye Kristo, n'ubwoko bw'ubwami bwiwe. Bashobora kuvugana ubushobozi bw'Umukiza; kandi uko bahishurira ababumviriza umugambi w'agakiza, benshi baranyuzwe kandi baremera. Imigenzo n'ibintazi bari bigishijwe n'abaherezi vyahanaguwe mu bwenge bwabo, inyigisho z'Umukiza nazo zirakirwa. «N'uko abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kuri uwo musi ku bari basanzweho bari nk'ibihumbi bitatu.» Abategetsi b'Abayuda bari bibwiye ko igikorwa ca Kristo kizoherana n'urupfu rwiwe; ahubwo, bibonera n'amaso yabo ibitangaza vyo ku musi wa Pentekote. Barumvise abigishwa, buzuye ubushobozi n'inkomezi batigeze babona, bamamaza Kristo, amajambo yabo ashigikiwe n'ibimenyetso hamwe n'ibitangaza. Muri Yerusalemu, yari intamenwa y'idini y'Abayuda, ibihumbi n'ibihumbi bavuga ku mugaragaro ko bizeye Kristo Umunyanazareti nka Mesiya. Abigishwa baratangaye kandi akanyamuneza karabasya ku bw'umwimbu uhambaye w'imitima. Ntibaravye uwo mwimbu utangaje nk'icavuye mu vyuya vyabo ; batahuye ko bariko barinjira mu gikorwa c'abandi bantu. Uhereye igihe Adamu yagwa, Kristo yari yarahaye abashumba yitoranirije imbuto y'ijambo ryiwe, ngo ibibwe mu mitima. Igihe yari kw'isi, yari yarabivye imbuto y'ukuri, kandi ayivomereza amaraso yiwe. Abantu bahindutse ku musi wa Pentekote bari igikorwa c'iyo mbuto yabibwe, umwimbu w'igikorwa ca Kristo, kigaragaza ubushobozi bw'inyigisho yiwe.IN 22.3

    Amajambo y'intumwa yonyene, n'aho yari atomoye kandi y'ububasha, ntiyari gukura ivyiyumviro bigoramye vyari vyarananiranye n'aho hari ivyemezo bigaragara. Ariko Mpwemu Yera yarungitse ivyiyumviro bifise ubushobozi bw'Imana mu mitima yabo. Amajambo y'intumwa yari asongoye nk'imyampi y'Ishoboravyose, yemeza abantu icaha bakoze mu kwanka kwakira no mu kubamba Umwami w'icubahiro.IN 23.1

    Inyigisho za Kristo zari zafashije abigishwa gutahura ko bakeneye Mpwemu. Mpwemu abigishije baronse ubushobozi bwa nyuma, hanyuma batangura igikorwa cabo bakoze ubuzima bwabo bwose. Ntibongeye kugaragara nk'ibijuju canke nk'abatize amashure. Ntibongeye kuba nk'ihwaniro ry'uturwi tw'utudumbidumbi twigenga. Ivyizigiro vyabo ntivyongeye kuba ku bukuru bw'isi. Bari «n'umutima uhuye,» «bahuje umutima n'inama.» Ivyakozwe n'Intumwa 2 :46; 4 :32. Kristo yuzuye ivyiyumviro vyabo ; Guteza imbere ubwami bwiwe nico cabaraza ishinga. Mu bwenge no muri kamere, bari bahindutse nk'Umwigisha wabo, kandi abantu, «bamenya ko babana na Yesu.» Ivyakozwe n'Intumwa 4 :13.IN 23.2

    Pentekote yabazaniye umuco w'ijuru. Ukuri batashobora gutahura igihe Kristo yari kumwe nabo kwaciye noneho guhishurwa. Bakiriye inyigisho z'Ijambo Ryera bafise ukwizera n'ubushizi bw'amanga batigeze bagira. Ntibongeye gukekeranya ko Kristo yari Umwana w Imana. Batahuye ko, n'aho yari yambaye umubiri w'umuntu, vy'ukuri yari wa wundi Mesiya, kandi babwira amahanga yose ivyababayeko badakekeranya, ku buryo ivyo vyabaye icemezo ko Imana yari kumwe nabo. Bashobora kuvuga izina rya Yesu bemanga; kukaba nka ko, mbega nti yari Umukunzi kandi akaba Mukuru wabo ? Binjizwe mu bumwe hamwe na Kristo, bicaranye na We mu bibanza vyo mw'ijuru. Ntiworaba ingene barurumba bamushingira intahe! Imitima yabo yari yuzuye ukwitanga kwuzuye, kwimbitse, kutagira imbibe, kwatumye bashika ku mpera y'isi, bashingira intahe ubushobozi bwa Kristo. Bari buzuye igishika co gushishikara igikorwa yari yaratanguye. Batahuye uburemere bw'umwenda bafitiye ijuru, n'umutwaro w'igikorwa cabo. Mu nkomezi za Mpwemu Yera, bagenda buzuye ubwira bwo kwagura intsinzi y'umusaraba. Mpwemu yarabakoresha kandi akabavugiramwo. Amahoro ya Kristo yakayangana mu maso yabo. Bari barihebeye igikorwa ciwe, kandi no mu maso habo haragaragaza ukwitanga kwabo.IN 23.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents