Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 2: Inyigisho Kuri Bamwe Cumi Na Babiri

    Kugira ngo babandanye igikorwa ciwe, Kristo ntiyatoye abize canke imvuzi zo mu bagize urwego Rukuru rw'Ubucamanza rw'Abayuda, canke ubushobozi bwa Roma. Yarenganye abigisha b'Abayuda biyamamaza ko ari abagororotsi, uwo Mwigisha Karuhariwe atoranya abantu biyoroheje batize amashure, ngo bamamaze ukuri kwategerezwa kunyiganza isi. Abo bantu yari afise intumbero yo kubamenyereza n'ukubigisha ngo babe abarongozi b'ishengero ryiwe. Nabo bategerezwa kwigisha abandi n'ukubarungikana ubutumwa bw'inkuru nziza. Kugira ngo baroranirwe mu gikorwa cabo bategerezwa guhabwa ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Ubutumwa Bwiza nti bwari kwamamazwa n'ubushobozi cank'ubwenge bw'abantu, kiretse ubushobozi bw'Imana.IN 8.2

    Mu myaka itatu n'igice abigishwa bakurikiye inyigisho z'Umwigisha aruta abigisha bose isi yigeze kubona. Kristo yabateguye ngo bakore igikorwa ciwe mu kuvugana nabo amaso mu yandi no mu kubana nabo.Uko bukeye uko bwije baragendana nawe kandi bakavugana nawe, bakumva amajambo yiwe aremesha abarushe n'abaremerewe, kandi bakibonera ububasha bukiza abarwaye n'abatuntuye. Rimwe na rimwe yabigisha yicaye mu mbavu z'umusozi; ahandi naho ari i ruhande y'ikiyaga, canke bagendagenda mu nzira yarabahishurira amayobera y'Ubwami bw'Imana. Aho hose imitima yari yuguruye ngo yakire ubutumwa buva ku Mana, yarabahishurira ukuri kw'inzira y'agakiza. Ntiyategetse abigishwa gukora ibi n'ibi, ahubwo yavuze ati: «Nimunkurikire.» Mu ngendo ziwe mu misozi no mu bisagara, yajana nabo, ngo bibonere ingene yigisha abantu. Bagendana nawe aho aja hose. Barasabikanya uburyo buke bafise, kandi nk'uko vyamushikira, nabo nyene rimwe na rimwe barasonza mbere kenshi bakaruha. Mu mabarabara yuzuye isinzi ry'abantu, ku nkengera y'ikiyaga, mu gahinga ka nyaga nande, baba bari kumwe nawe. Baramubonye mu vyiciro vyose vy'ubuzima.IN 8.3

    Gutoranya bamwe cumi na babiri, nikwo kwabaye intambuko ya mbere mu gushinga uburongozi bw'ishengero ryategerezwa kubandanya igikorwa ciwe kw'isi, Kristo amaze kugenda. Ku vyerekeye iryo robanura, Ivyanditwe bivuga ngo «Maze aduga umusozi muremure, ahamagara abo agomba. Baza kuri We. Atoranya cumi na babiri bo kubana nawe, maze ngo abatume kwigisha.» Mariko 3:13, 14. Ehe ingene bitangaje. Nimwitegereze Umwami w'ijuru akikujwe na bamwe cumi na babiri yarobanuye. Yiteguriye kubarobanura kubw'igikorwa cabo. Mu buryo bw'ijambo ryiwe na Mpwemu wiwe, yiteguye gushira agakiza imbere y'abantu bose, akoresheje ibikoresho vy'intege nke.IN 9.1

    Imana n'abamarayika barabanye ivyo bintu umunezero n'akanyamuneza. Data yari azi ko kubwo abo bantu umuco w'ijuru uzokayangana; ko amajambo bazovuga nk'ivyabona vy'Umwana wiwe azosamirana kuva ku ruvyaro gushika ku rundi, kugeza ku muhero w'isi. Abigishwa bategerezwa kugenda nk'ivyabona vya Kristo, bagatangariza isi ko bamubonye kandi bamwumvise. Igikorwa cabo cari gihambaye kuruta ibindi vyose abana b'abantu bigeze guhamagarirwa gukora; gusa cari ica kabiri ku ca Kristo ubwiwe. Bategerezwa gukorana n'Imana ngo bakize abantu. Nk'uko mw'Isezerano rya kera abakurambere cumi na babiri bahagarara nk'ivyariho vya Isirayeli, ni ko n'intumwa cumi na zibiri zahagarara mu kibanza c'ishengero ry'ubutumwa bwiza. Mu gihe c'igikorwa ciwe, Kristo yatanguye gusenyura igihome catandukanya Abayuda n'abanyamahanga, no gutangaza agakiza ku baremwe bose. Naho yari Umuyuda, yarivanze n'Abasamariya atagoberewe, ahindura ubusa imigenzo ya Gifarisayo y'Abayuda kubwo abo bantu bakengerwa. Yararara mu nzu zabo, akarira ku meza zabo, kandi akigishiriza mu mayira yabo.IN 9.2

    Umukiza yari anyotewe guhishurira abigishwa biwe ukuri kwerekeye guhomvora «ca gisika co hagati» catandukanya Isirayeli n'ayandi mahanga-ukuri yuko abanyamahanga bategerezwa gusangira iragi n'Abayuda kandi «bagasangira Isezerano ryayo muri Kristo kubwo ubutumwa bwiza.» Abanyefeso 2 :14; 3 :6.IN 9.3

    Uku kuri yakugaragaje ku ruhande rumwe igihe yahemba ukwizera kw'umutegetsi arongoye abasirikare ijana i Kaperenawumu, n'igihe yigisha ubutumwa bwiza abantu b'i Sikari. Ariko ku buryo bugaragara ukwo kuri kwahishuwe igihe yagendera i Feniciya, agakiza umukobwa w'Umunyakananikazi. Ivyo bintu vyafashije abigishwa gutahura ko muri abo benshi baraba nk'abatabereye agakiza, harimwo imitima ishonje umuco w'ukuri.IN 10.1

    Muri ubwo buryo rero, Kristo yashaka kwigisha abigishwa uku kuri ko mu bwami bw'Imana ata mbibe zibamwo, nta moko, nta banyen'icubahiro; ko bategerezwa kuja mu mahanga yose babashiriye ubutumwa bw'urukundo rw'Umukiza. Ariko batahuye neza batevye kw'Imana «yaremye amahanga yose y'abantu, ibakuye mu muntu umwe, ngo basagaze mw'isi yose, yashinze ibihe vy'imyaka ko bikuranwa uko yageze, icira abantu imbibe z'aho baba, kugira ngo barondere Imana, ngo namba kumbure bakabakavye boyibona, naho itari kure y'umuntu n'umwe muri twebwe.» Ivyakozwe n'Intumwa 17 :26, 27.IN 10.2

    Muri abo bigishwa ba mbere harimwo ubudasa bwigaragaza. Basabwa kubera isi abigisha, kandi bari bafise kameremere z'ubwoko bwinshi. Kugira baroranirwe mu gikorwa bahamagariwe, abo bantu bari bafise ibibatandukanya vyinshi, bari batandukanye mu buryo baremwe no mu mibereho y'ubuzima, bari bakeneye ubumwe mu buryo bwo gutahura, bwo kwiyumvira no gukora. Ubwo bumwe nibwo Kristo yashaka gushikako. Gutyo rero yari gushobora kubagira umwe nawe. Umwitwarariko w'igikorwa ciwe ku bwabo ubonekera mw'isengesho yatuye Se: «Kugira ngo bose babe umwe, nk'uko Wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri Wewe, ngo nabo abe ariko baba muri twebwe, ngo isi yizere ko ari Wewe wantumye, ukabakunda nk'uko wankunze.» Yohanal7:21, 23. Isengesho ryiwe ry'urudaca yabasengera ryari ko bokwerezwa mu kuri; kandi yasenga afise ivyizigiro, azi ko itegeko ry'Ubushobozi Bwose ryatanzwe kuva isi itararemwa. Yari azi ko Ubutumwa bwiza bw'Ubwami buzovugirwa mu mahanga yose ngo bubabere icabona; yari azi ko ukuri kwambaye ubushobozi bwa Mpwemu Yera kuzotsinda intambara y'ikibi, kandi ko umusi uri izina ibendera ryasizwe amaraso rizohungabanira ku bantu biwe bamukurikiye.IN 10.3

    Kubera ko igikorwa ca Kristo cagira kirarigire, kandi akabona ko ari ngombwa bidatevye areke abigishwa biwe babandanye igikorwa atari kumwe nabo ngo abarongore, yashaka kubatera intege no kubategura kubw'ibihe bizoza. Ntiyabahendesheje ivyizigiro bitariho. Yasomye nk'igitabo cuguruye ibizotegerezwa gushika. Yari azi ko bidatevye agiye gutandukana nabo, akabasiga nk'intama hagali y'amabingira. Yari azi ko bazohamwa, ko bazokwirukanwa mu masinagogi, kandi bagatererwa mw'ibohero. Yari azi ko, kubwo kumushingira intahe nka Mesiya, bamwe muri bo bazokwicwa.IN 10.4

    Yarababwiye ibijanye n'ivyo. Mu kuvuga kazoza ntiyariye umunwa kandi yadomyeko urutoke, ko mu mageragezwa azobashikira bazotegerezwa kwibuka amajambo yiwe kandi bagakomezwa no kumwizera nk'Umucunguzi. Ariko yarababwiye n'amajambo y'ivyizigiro n'ayo kuremesha, ati» Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. I muhira kwa Data hari amazu menshi, iyo aba atariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngo aho ndi namwe abe ariho muba. Kandi iyo nja murazi inzira ijayo.» Yohana 14 :l-4. Ku bwanyu naraje mw'isi; ku bwanyu narakoze. N'ubwo ngiye nzokomeza kandi gukora ntiziganya ku bwanyu. Naje mw'isi ngo ndabihishurire, kugira ngo mwizere. Ngiye kwa Data ari we So, kugira ngo mfashanye na We ku bwanyu.IN 11.1

    N'ukuri, n'ukuri ndababwire: Uwunyizera, ibikorwa nkora nawe azobikora : kandi azokora ibibiruta, kuko Jewe ngiye kwa Data.» Yohana 14:12. Muri aya majambo, Kristo ntiyashatse kuvuga ko abigishwa bazokora ibitangaza bihambaye kuruta ivyo yakoze, ahubwo igikorwa cabo kizoba kinini mu bwaguke kuruta iciwe. Ntiyatunze urutoke ku gukora ibitangaza gusa, ahubwo ku bizokoreka vyose bikozwe na Mpwemu Yera. Yavuze ati: «Umwitsa aho azozira, Uwo nzobarungikira ava kuri Data, niwe Mpwemu w'ukuri akomoka kuri Data, Uwo niwe azonshingira intahe, kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.» Yohana 15 :26, 27.IN 11.2

    Aya majambo yashitse ku buryo butangaje. Mpwemu Yera amaze kumanuka, abigishwa bujujwe n'urukundo bamukunda n'urwo bakunda abo yapfiriye, ku buryo imitima yorohejwe n'amajambo bavuga hamwe n'amasengesho basenga. Bavuga basunitswe n'ubushobozi bwa Mpwemu ; kandi ku bw'ububasha bw'ubwo bushobozi, ibihumbi n'ibihumbi barahindukiriye Imana.IN 11.3

    Nk'ivyariho vya Kristo, intumwa zategerezwa gukora ku mitima y'abari mw'isi. Kuba bari abantu bicisha bugufi ntivyagabanije ijunja ryabo, ahubwo vyararyongereje; kuko ivyiyumviro vy'ababumviriza vyavanywe kuri bo vyerekezwa ku Mukiza; We, naho ataboneka, yakomeje gukorana nabo. Uburyo butangaje bw'inyigisho z'intumwa, amajambo ashize amanga kandi yo kwizerwa, yategerezwa kwemeza bose ko badakorera mu nkomezi zabo, ahubwo ko bakoreshwa n'ubushobozi bwa Kristo. Mu kwicisha bugufi, berekana ko uwo Abayuda babamvye yari Umwami w'ubugingo, Umwana w'Imana Nzima, kandi ko ibikorwa vyose bakora babikoze mw'izina ryiwe.IN 11.4

    Mu kiganiro ca nyuma yagiranye n'abigishwa biwe mw'ijoro buca abambwa, Umukiza ntiyacishije mu kanwa ivy'imibabaro yari yarababajwe kandi n'ubu yari imurindiriye. Ntiyavuze ivy'agasuzuguro kari kamurindiriye, ahubwo yagerageje kurongora ubwenge bwabo ku bizokomeza ukwizera kwabo, abazana guhanga amaso umunezero urindiriye uwuzotahana intsinzi. Yahimbawe n'iciyumviro ko yari ashoboye kandi ko azokorera abamukurikiye ibirengeye ivyo yasezeranye; ko muri We hazotembamwo urukundo n'impuhwe, bizokweza urusengero rw'umutima, rugahindura abantu abafise kamere nk'iyiwe; ko ukuri kwiwe kwambaye ubushobozi bwa Mpwemu, kuzogenda nk'uwunesha kandi kukanesha.IN 12.1

    Yababwiye ati: «Ivyo ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw'isi muri n'amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi.» Yohana 16 :33. Kristo ntiyaneshejwe canke ngo acike intege; kandi intumwa nazo nyene zategerezwa kwerekana ukwizera kwihangana nk'uko. Basabwa gukora nk'uko yakoze, bakamwisunga ngo bahabwe inkomezi. Naho inzira yabo yategerezwa kuzitizwa n'ibidashoboka mu maso yabo, ku bw'ubuntu bwiwe bategerezwa gukomeza urugendo, ata kintu na kimwe kibaca intege, ahubwo buzuye ivyizigiro. Kristo yari yarangije igikorwa yari yahawe gukora. Yari yakoranije abazobandanya igikorwa ciwe mu bantu. Niho yavuga ati: «Nashimagijwe muri bo. Sinkiri mw'isi, ariko bo baracari mw'isi, nanje ndaje kuri Wewe. Data Wera, ubazigamire mw'izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk'uko natwe turi.» «Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n'abo bazonyizera ku bw'ijambo ry'aba, kugira ngo bose babe umwe;... Jewe mbe muri bo, nawe ube muri Jewe, ngo bahingurwe babe umwe, kugira ngo isi imenye ko ari Wewe wantumye, ukabakunda, nk'uko wankunze.» Yohana 17 :10,11,20-23IN 12.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents