Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 22 : Tesalonike

    Iki kigabane Gishimikiye ku Vyakozive n’Inttimwa 17:1-10.

    Bamaze i Filipi, Paulo na Sila bafashe inzira baja i Tesalonike. Aho baharonkeye amahirwe yo kuvugana n'abantu benshi mw'isinagogi y'Abayuda. Mu maso habo hagaragara amakuba ateye isoni bari baherutse gucamwo, kandi vyasaba yuko basobanura ivyabaye. Ivyo babikoze ata kwishira hejuru kurimwo, ahubwo baninahaje Umwami yabakuye mu mvuto.IN 115.1

    Mu kubwira ubutumwa abo i Tesalonike, Paulo yifashishije ivyo abavugishwa n'Imana bavuze kuri Mesiya. Kristo mu gikorwa ciwe yari yuguruye ubwenge bw'abigishwa ngo batahure ubwo buhanuzi; «Atangurira kuri Mose no ku bavugishwa n'Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.» Luka 24:27. Petero igihe yavuga ivya Kristo yari yatanze ivyemezo vyiwe akurikije iyo nzira nyene. Na Paulo nyene mu gikorwa ciwe yerekanye ivyanditswe vyabura ukuvuka, imibabaro, urupfu, izuka n'iduzwa mw'ijuru rya Kristo. Akoresheje igishingantahe c'ivyanditswe vyera vyavuzwe na Mose n'abavugishwa n'Imana, yerekanye neza ko Yesu umunyanazareti ari we Mesiya kandi ko uhereye igihe ca Adamu ijwi rya Kristo ryari ryavugiye mu bakurambere n'abavugishwa n'Imana.IN 115.2

    Imburi zigaragara kandi zitomoye zerekeye ukuza k'Uwasezeranywe zari zaratanzwe. Adamu yari yahawe isezerano ry'Umukiza azoza. Amajambo y'urubanza yabwiwe Satani ngo «Nzoshira inyankane hagati yawe n'uyu mugore, no hagati y'uruvyaro rwawe n'urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri» (Itanguriro 3:15), yari ku bavyeyi bacu ba mbere isezerano ry'agakiza kazobonekera muri Kristo. Aburahamu yahawe isezerano ko Umukiza w'isi azova mu ruvyaro rwiwe: «Kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw'isi azoherwa umugisha.» «Ntiyavuze, iti imvyaro nk'uwuvuga imvyaro nyinshi, ahubwo yavuze uruvyaro rumwe, ati ni uruvyaro rwawe; ni rwo kristo.» Itanguriro 22:18; Ab'i Galatiya 3:16.IN 115.3

    Mose, agiye kurangiza igikorwa ciwe nk'umurongozi n'umwigisha w'Isirayeli, yatanze ku mugaragaro imburi ko Mesiya azoza. «Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza uvugishwa na we ameze nka nje, ava muri mwebwe, mu bo i wanyu: aze abe ari we mwumvira.» Kandi Mose wenyene yemangiye ab'Isirayeli ko Imana yonyene ubwayo yamuhishuriye ivyo igihe yari ku musozi wa Horebu, avuga ati, «Nzobahagurukiriza uwuvugishwa nanje ava mu bo iwabo, ameze nkawe; ati nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, nawe azobabarira ivyo nzomutegeka vyose.» Gusubira mu Vyagezwe 18:15,18. Mesiya yategerezwa kuva mu muryango w'abami, kuko mu buhanuzi bwavuzwe na Yakobo Uhoraho yavuze ati: «Icumu ry'ubugabe ntirizova kuri Yuda, inkoni yo kuganza hagati y'ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo niwe amahanga azokwumvira.» Itanguriro 49:10. Yesaya yavugishijwe ngo: «Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kandi umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.» «Ni mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, niho ubugingo bwanyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe ritazovaho. Raba, ndamutanze ngo abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngo abe n'umukuru na segaba w'amahanga. Raba, uzohamagara ihanga utazi, kandi n'iryari ritakuzi rizokwirukirako, ku bwo Uhoraho Imana yawe, no ku bwo Uwera w'Abisirayeli, kuko azoba aguhaye icubahiro.» Yesaya 11:1; 55:3-5.IN 116.1

    Yeremiya na we nyene yarashingiye intahe Umucunguzi azoza nk'Umutware w'inzu ya Dawidi: «Raba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w'umugororotsi, kandi azoganza nk'umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n'izibereye mu gihugu. Mu gihe ciwe Abayuda bazokwitwa, ngo Uhoraho niwe kugororoka kwacu.» Arongera kandi ati: «Kuko uko ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Dawidi ntazokwigera abura uwo kuzokwama ku ngoma yiwe, aganza abo inzu ya Isirayeli. N'abaherezi b'Abalewi n'uko, ntibazokwigera babura uwo kuzokwama ahagarara imbere yanje ngo atange ibimazi avyose, ngo yose n'ibishikanywe, no kwama akerera ibimazi.» Yeremiya 23:5, 6; 33:17,18.IN 116.2

    Mbere n'aho Mesiya azovukira harabuwe: «Ariko wewe, Betelehemu Efurata, naho uri inkehwa mu bihumbi vy'i Buyuda, muri wewe hazomviramwo uwuzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahera kera hose, ibihe n'ibindi.» Mika 5:2.IN 116.3

    Igikorwa Umukiza yategerezwa gukora kw'isi cari carashizwe ku rutonde neza neza: «Mpwemu w'Uhoraho azoba kuri we, impwemu y'ubwenge n'iy'ugutahura, impwemu yo kuja inama n'iy'ubushobozi, impwemu y'ukumenya Uhoraho n'iy'ukumwubaha.»Uwo yasizwe yategerezwa «kubwira abaciye bugufi ubutumwa bwiza; . . . gutubika imitima imenetse, no kumenyeshwa abarindwa ko barekuwe, n'imbohe ko zugururiwe; ngo menyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n'Uhoraho, n'umusi wo kwihora w'Imana yacu; ngo nirure abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c'umunyota, ndabahe n'amavuta y'akaneza mu gishingo c'ukugandara, n'umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c'umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy'ukugororoka, imyeloni yatewe n'Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.» Yesaya 11:2, 3; 61:1-3. «Nguyu umushumba wanje; uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri We;» azoshikana amateka mu banyamahanga. Ntazoyogora, ntazosemerera, kandi ntazokwumvikanisha ijwi mu nzira. Ntazohohosha irenga rivunitse, n'urumuri ruyenga ntazoruzimya: azoshikana amateka vy'ukuri.IN 116.4

    Ntazodendebukirwa, gushitsa aho azoshingira amateka mw'isi; ababa ku kiyaga bazokwitega ivyagezwe vyiwe.» Yesaya 42:1-4.IN 117.1

    Paulo n'ubushobozi bwemeza abantu yakoresheje Isezerano rya Kera avuga ko «Kristo ari ngombwa ko ababazwa, kandi akazuka mu bapfuye.» Mbega Mika ntiyari yaravugishijwe ko «Umucamanza w'Abisirayeli bazomukubita inkoni kw'itama?» Kandi Uwo yasezeranye we ubwiwe, biciye mu kanwa ka Yesaya, ntiyatanze imburi avuga ivyiwe ati, «Abankubita nabategeye ibitugu, n'imisaya ndayitegera abamomora ubwanwa.kandi mu maso hanje sinahakinjishije guteterezwa no gucirwako amate?» Yesaya 50:6. Biciye mu munyezaburi, Kristo yarabuye amabi azokorerwa n'abantu: «Ndi . . . sindi umuntu: ndi ruvumwa mu bantu, nkengerwa na bose. Abambona bose bantwengera mw'ijigo: Bampa ibinoko, banzunguriza imitwe Bati Yishize k'Uhoraho ngo azomukiza, none namukize ko amunezererwa.» «Nshobora guharura amagufa yanje yose; Bandaba bankanuriye amaso. Bagabura impuzu zanje, Bampfindira umwambaro wanje.» «Mpindutse akavantara ku bo tuvukana, na murundi kuri bene mama. Kuko ishaka ry'inzu yawe rindya; ibitutsi vy'abagutuka vyaguye kuri Jewe.» «Ibitutsi vyamenaguye umutima, ndaremerewe cane: Nareretse ko hari uwongirira akagongwe, ntawabonetse; n'uko hari abonyirura, ndabura.» Zaburi 22:6-8,17,18; 69:8, 9,20.IN 117.2

    Ni murabe ingene amajambo Yesaya yavugishijwe ku mibabaro n'urupfu vya Kristo yari atomoye ku buryo ata woyihendako! «Uwavugishwa n'Imana arabaza ati ninde yemeye inkuru zacu? Kandi ati «ukuboko kw'Imana kwahishuriwe nde? Kuko yakuriye imbere yiwe nk'ikironge, kandi nk'agashami kava mw'ivu rigadutse: Ntiyari afise ishusho nziza canke igikundiro, kandi aho twamubona ntiyari afise ubwiza bwotumye tumwifuza. Yarakengerwa, agahurwa n'abantu; yari umunyamibabaro, yari azi intimba ico ari co; yakengerwa nk'umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko. «Ni ukuri ni izacu ntimba yishizeko, ni iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk'uwakubiswe, nk'uwacumiswe n'Imana, akicurikirizwa n'akabonge. Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri We, kandi imishishagu yiwe niyo idukiza. «Twese twazimiye nk'intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twese. Yaracuranguzwa, yamara akarendeka, ntiyakurako umunwa; nk'umwagazi w'intama ujanwa mw'ibagiro, canke intama itekerereza imbere y'abayikemura, ni ko atakuyeko umunwa. Yakuweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizeko umutima ko yakuwe mw'isi y'abakiriho? Ibicumuro vy'abantu ni vyo yakubitiwe.» Yesaya 53:1-8.IN 117.3

    Mbere n'ingene azopfa vyari vyarabuwe. Nk'uko inzoka y'umuringa yari yaramanitswe mu bugaragwa, ni ko n'Umukiza azoza yategerezwa kumanikwa, «kugira ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ahubwo ahabwe ubugingo budashira.» Yohana 3:16. «Kandi bamubajije bati Izo nguma zo mu biganza vyawe ni izo iki? Nawe azobishura, ati Ni izo nakomerekeye mu nzu y'abakunzi banje.» Zekariya 13:6. «Bageze ko ahambwa hamwe n'abanyavyaha, asangira imva n'umutunzi mu gupfa kwiwe; naho ata kibi yakoze, kandi ata guhemana kwari mu kanwa kiwe. Yamara Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje.» Yesaya 53:9, 10. Ariko uwari agenewe kubabara akicwa n'abanyakibi, yategerezwa kuzuka nk'uwanesheje icaha n'urupfu. Biciye mu guhumekerwa guhambaye, wa Muririmvyi Rurangiranwa w'Isirayeli yashingiye intahe ubwiza bw'igitondo c'umuzuko. Yatangaje ati «Kandi n'umubiri wanje, uzoba ahatari inkomanzi. Kuko utazoreka ubugingo bwanje ngo buje i kuzimu, kandi ntuzokundira Uwera wawe ngo azobore.» Zaburi 16:9, 10. Paulo yerekanye ingene Imana igereranya imihango y'ibimazi n'ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana vyerekeye wa wundi yategerezwa «kuzanwa nk'umwagazi w'intama uzanwa ku wuyikerera.» Uwo Mesiya yategerezwa gutanga ubugingo bwiwe nk'«ikimazi c'ivyaha.» Aravye mu binjana bizoza ibijanye n'impongano y'Umukiza, Uwavugishwa n'Imana Yesaya yari yashinze intahe ko Umwagazi w'Imana «yasutse ubugingo bwiwe akageza ku gupfa: kandi yahawe umugabane n'abanyavyaha; kandi yiremetse ivyaha vya benshi, kandi yasabiye abanyavyaha.» Yesaya 53:7,10,12.IN 118.1

    Umwami avugwa mu vyanditswe n'abavugishwa n'Imana yagira aze, atari umwami w'igihe gito aje kubohora Abayuda mu gahotoro k'ab'isi, ahubwo nk'umuntu mu bandi, akabaho nk'umworo n'uwiyorosha, kandi ku mpera ya vyose agakengerwa, akankwa, kandi akicwa. Umukiza yabuwe mw'Isezerano Risha yategerezwa kwitanga nk'ikimazi ku bwo abantu baguye mu caha, gutyo agashitsa ikintu cose gisabwa n'ivyagezwe vyahonyanzwe. Muri we ibimazi vyategerezwa gusubirirwa n'uwo vyagereranya, kandi urupfu rwiwe ku musaraba rwategerezwa kugira ubusobanuro bukomeye ku bikorwa vy'imihango y'Abayuda. Paulo yabwiye Abayuda b'i Tesalonike ingene yahoze arwanira imihango y'ivyagezwe n'ivyamushikiye kw'irembo ry'i Damasiko. Atarahindukirira Kristo, yari yishimiye ubugororotsi bw'amamuko yiwe, ivyizigiro bitagira ishingiro. Ukwizera kwiwe ntikwari gushingiye kuri Kristo; ahubwo, yari yizeye ubugororotsi bwo hanze, n'imihango y'idini. Umwete wiwe w'ivyagezwe ntiwari ufatanye n'ukwizera Kristo kandi wari imburakimazi. Ubwo yiyemera ngo nta gasembwa afise mu bikorwa bisabwa n'ivyagezwe, yari yaranse Uwuha ivyagezwe agaciro. Ariko igihe yahindukirira Kristo, vyose vyarahindutse. Yesu Umunyanazareti, uwo yahoze ahama mu guhiga abera, yamubonekeye nka Mesiya yasezeranywe. Uwo yahiga abizera Yesu nk'Umwana w'Imana, uwari yaje kw'isi ngo asohoze ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana kandi ubuzima bwiwe bukaba bwari buhuye neza n'Ivyanditswe Vyera.IN 118.2

    Ubwo Paulo yamamaza ubutumwa bwiza mw'isinagogi i Tesalonike afise ubushizi bw'amanga bweranda, vyatumye abantu batahura neza ubusobanuro bw'ibikorwa n'imihango vyakorerwa mw'ihema ry'ibonaniro. Yakuye imitima y'abamwumviriza ku vyakorerwa mw'ihema ryo kw'isi, aberekeza ku gikorwa Kristo akorera mw'ihema ryo mw'ijuru, muri ca gihe, Kristo amaze kurangiza igikorwa co kudusengera, azogaruka n'ubwiza n'ubushobozi bwinshi, maze agashinga ubwami bwiwe kw'isi. Paulo yizera ukugaruka kwa Kristo; nuko rero yerekana kandi ashimitse ukuri kujanye n'ico kintu, ku buryo ivyo vyiyanditse burundu ku mitima y'abamwumvirije. Paulo yavuze ubutumwa bwiza i Tesalonike Amasabato atatu akurikirana, abumvisha akoresheje Ivyanditwe bivuga ku buzima, ku rupfu, izuka, igikorwa, n'ubuninahazwa buzoza bwa Kristo, «Umwagazi w'intama w'Imana yabazwe uhereye isi ikiremwa.» Ivyahishuriwe Yohana 13:8. Yashize hejuru Kristo, uwo ugutahura kw'igikorwa ciwe ari urufunguruzo rwo kwugurura Isezerano rya Kera, umuntu agashikira ubutunzi bwaryo.IN 119.1

    Ubwo ukuri kw'ubutumwa bwiza kwamamazwa n'ubushobozi bwinshi i Tesalonike, abantu benshi babuteze amatwi. «Bamwe muri bo birabemeza, bifatanya na Paulo na Sila, n'ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana, n'abagore b'icubahiro batari bake.» Nk'uko vyabaye mu bindi bibanza binjiyemwo imbere y'aho, intumwa zararwanijwe bikomeye.IN 119.2

    «Abayuda batakiriye ukwizera bagira ishari.» Abo Bayuda ico gihe ntibari bifatanije n'ubutegetsi bwa Roma, kuko, imbere y'aho gato bari bateye umugumuko mu gisagara ca Roma. Barabinuba, kandi umwidegemvyo wabo waragenzurwa cane. Baboneraho rero akaryo ko kwiyuzuza na Roma, n’ ugutukisha intumwa n'abakiriye idini ya Kristo.IN 119.3

    Ibi babishitseko mu kubanza kwiyunga «n'abagabo babi bo muri ba nyarucari» maze muri ubwo buryo «batera imigumuko mu gisagara.» Kubera barondera Paulo na Sila, «batera inzu ya Yasona;» ariko ntibashobora kuronka Paulo na Sila. «Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data imbere y'abaganza igisagara, barasemerera, bad Abateye isi yose umugumuko bashitse n'ino, kandi Yasona yabahaye indaro: abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko hari uwundi mwami, ngo ni Yesu.» Babonye babuze Paulo na Sila, abacamanza baterera mu mvuto abo bizera baregwa, bitwaza imvo y'umutekano. Ku bwo gutinya iyindi migumuko, «bene Data banyuruza Paulo na Sila mw'ijoro baja i Beroya.» Abigisha uyu musi ukuri kudakundwa na benshi ntibakwiye gucika intege igihe bahwanye n'intambamyi bakanka kubakira, n'aho hoba ari mu biyita Abakristo, nk'uko vyashikiye Paulo na bagenziwe bo mu bantu bakoreramwo. Intumwa z'umusaraba zitegerezwa kwama zigavye kandi zisenga, zigenda zija imbere mu kwizera no gushikama, zikora na ntaryo mw'izina rya Kristo. Zitegerezwa gushira hejuru Kristo nk'uwusengera abantu mw'ihema ryo mw'ijuru, uwo muri We ibimazi vyose vyo mw'Isezerano rya Kera vyari bihagazeko, kandi akaba ari mu kimazi c'impongano yiwe abanyavyaha baronkeramwo amahoro n'imbabazi.IN 119.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents