Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 53: Yohana Mukundwa

    Yohana amenyekana mu zindi ntumwa nka «wa mwigishwa Yesu yakunda.» Yohana 21:20. Bisa n'uko yagize amahirwe cane yo kugirana ubucuti bukomeye na Kristo, kandi yaronse Umukiza yamweretse ibimenyetso vyinshi ko amwizeye kandi amukunda. Yabaye umwe muri ba bandi batatu bemererwa kubona ubwiza bwa Kristo igihe yahinduka ukundi ku musozi n'ukubona imibabaro yiwe i Getsemane, kandi ni nawe Umukiza yaragije nyina wiwe muri ya masaha ya nyuma y'agahinda ari ku musaraba. Igishika Umukiza yari afitiye uwo mwigishwa mukundwa yaracishuwe n'inkomezi zose zo kwitanga. Yohana yiboheye kuri Kristo nk'uko umuzabibu umase ku giti kinini. Ku bwo gukunda Umwigisha wiwe, yarindutse akaga k'ikibuga c'imanza yegera ku musaraba. Amaze kwumva inkuru ko Kristo yazutse, yirukanze ku mva, afise umwete uruta uwa ya nshigwarimenetse Petero. Urukundo rw'igitangaza n'ukwitanga kuzira ukwikunda vyigaragaje mu buzima no muri kamere ya Yohana bitanga ivyigwa vy'imburarugero kw'ishengero rya Kristo. Yohana ntiyari yavukanye kamere yo gukundana yabonetse mu misi ya nyuma y'ubuzima bwiwe. Ku bwa kamere ya kimuntu yari afise agasembwa gakomeye. Ntiyari gusa umuntu yibona, yiyemera, kandi akiranira icubahiro, ahubwo yari inkazi, afise agatima ko kwihora uwamugiriye nabi. We na mwene wabo babita «bene nkuba.» Gukaza ishavu, kwifuza kwihora, umutima wo kuvuga abandi, ivyo vyose vyari mu ri uwo mwigishwa mukundwa. Ariko musi y'ivyo vyose, Umwigisha akaba n'Imana yasomyemwo umutima w'urukundo rukomeye rutagira uburyarya. Yesu yakankamiye ukwirondera kwiwe, aca intege ukurondera ubukuru kwiwe, agerageza ukwizera kwiwe. Ariko yamuhishuriye ico umutima wiwe wifuza-ubutore bw'ubweranda, inkomezi z'urukundo ruhindura umuntu.IN 282.2

    Udusembwa two muri kamere ya Vohana twigaragaje mu bihe vyinshi mu migenderanire yiwe n'Umukiza. Igihe kimwe Kristo yarungitse intumwa ngo zimwitangire imbere mu kigwati c'Abasamariya, zisaba abantu baho ngo bamutegurire amazimano we n'abigishwa biwe. Ariko igihe Umukiza yegereza ico gisagara, bigaragara yuko yifuje guca i Yerusalemu. Ivyo vyateye ishari Abasamariya, maze aho kumusaba ngo agume iwabo, bamwima ikaze ryari guhabwa umuntu arengana uwo ari we wese. Yesu ntiyigera ategeka abantu ngo bamwakire, kandi Abasamariya batakaje imihezagiro bari kuronka iyo bamusaba ko yobabera umushitsi. Abigishwa bari bazi ko wari umugambi wa Kristo guhezagira Abasamariya mu kuba hamwe na bo; kandi ubukonje, ishari, n'urupfasoni ruke beretse Umwigisha wabo vyarabatangaje kandi birabashavuza. Yakobo na Yohana cane cane ni bo bahahagaze. Kubona uwo bubaha birenze urugero akengerwa gutyo, vyasa nk'uko ari icaha gihambaye cane ku buryo categerezwa guhanwa buno nyene. Mu mwete wabo bavuze, bati «Mwami, ugomba ko tubarira umuriro ngo utibuke uve mw'ijuru, ubayigize, nk'uko Ehya yakoze?» Bakubitiza agatima mpembero ku kurimbuka kwa za ntwazangabo z'Abasamariya n'ingabo zabo zari zarungitswe gufata Eliya. Bakubiswe n'inkuba kubona Yesu ababajwe n'amajambo yabo, mbere barushirizaho kubabara igihe bumva abakankamira, ati: «Erega ntimuzi umutima wanyu uko usa; kuko Umwana w'umuntu ataje guhonya ubugingo bw'abantu, ariko yaje kubukiza.» Luka 9:54-56.IN 283.1

    Nta biri mu migambi ya Kristo kugobera abantu ngo bamwakire. Ni Satani, n'abantu bakoreshwa n'umutima wiwe, barondera gutegeka umutima-nama. Mu kwiyoberanya mu mwete wo kurondera ubugororotsi, abantu bakorana n'abamarayika babi rimwe na rimwe bazana unibabaro ku bantu nkabo, ngo babategeke kwemera ivyiyumviro vyabo vy’ idini; ariko Kristo yama na ntaryo yerekana ikigongwe, arondera kubakwegesha urukundo rwiwe. Ntashobora kwemera ihiganwa mu bantu, canke ngo yemere umuntu akorera abami babiri; yifuza gusa uwumukorera bivuye ku mutima, uwumuhebera umutima asunitswe n urukundo. Ikindi gihe naco Yakobo na Yohana basavye nyina wabo ko yobasabira kuronka icicaro co hejuru mu bwami bwaKristo.Batitayeho ingene Kristo yari yababwiye adahengeshanya kamere y'ubwami bwiwe, abo bigishwa b'imiyabaga bari bagifise ivyizigiro vya Mesiya yoje gufata ubutegetsi kandi akimika ubwami buhuye n'ivyifuzo vy'abantu. Uwo muvyeyi yifuriza abahungu biwe ikibanza c'icubahiro muri ubwo bwami, yasavye ati, «Bivuge aba bahungu banje babiri baze bicare umwe i buryo bwawe uwundi i bumoso mu bwami bwawe.»IN 283.2

    Ariko Umukiza yamwishuye ati, «Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nywereko, no kubatizwa umubatizo ngira mbatizwe?» Bibutse ya majambo yiwe atangaje yerekeye amageragezwa n'imibabaro, yamara bishura badakekeranya bati, «Turashobora.» Babona ko ari agateka kadasanzwe kwerekana ubuyoboke bwabo mu gusangira ibizoshikira Umwami wabo vyose. Kristo yababwiye ati, «Igikombe canje koko muzokinywerako, kandi muzobatizwa umubatizo ngira mbatizwe,»-imbere yiwe umusaraba mu gishingo c'intebe y'ubwami, abanyakibi babiri hamwe na We, umwe i buryo uwundi i bumoso. Yakobo na Yohana bategerezwa gusangira imibabaro n'Umwigisha wabo-umwe, azokwicishwa inkota mu kanya gato kari imbere; uwundi, azorusha abigishwa bose gukurikira Umwigisha wiwe mu bikorwa n'ibitutsi n'agahamo. Arabandanya ati, «Ariko gutanga ivyicaro i buryo bwanje n'i bumoso, si ivyanje, atari abo Data yabiteguriye.» Matayo 20:21-23.IN 284.1

    Yesu yatahuye imvo zatumye basaba ivyo, niko gukankamira ubwibone n'ukurondera ivyubahiro vy'abo bigishwa babiri: «Abaganwa b'amahanga bayatwaza amanyama, kandi n'abakuru bayo bayagirako ububasha. Ariko muri mwebwe si ko biri. Ariko uwugomba kuba mukuru muri mwebwe aze abe umukozi wanyu; kandi uwugomba kuba uwo imbere aze abe umukozi wanyu, nk'uko Umwana w'umuntu atazanywe no gukorerwa, atari ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bwiwe kw'incungu ya benshi.» Matayo 20:25-28. Mu bwami bw'Imana, icubahiro ntigitangwa ku bwo ubutoni. Ntigikiranirwa, canke ngo bagihe uwo bishakiye ata co bafatiyeko. Bivana na kamere y'umuntu. Urugori n'intebe ni ibimenyetso vy'ico umuntu yashitseko-ibimenyetso vy'intsinzi kuri kameremere biciye mu buntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo. Kera inyuma y'aho, igihe Yohana yari yagiranye na Kristo imishikirano mu gusangira imibabaro yiwe, Umwami Yesu yamuhishuriye ibikenewe ngo umuntu yegere ubwami bwiwe. Kristo yavuze ati, «Uwimesha, nzomuha kwicarana na Daita ku ntebe yiwe.» Ivyahishuwe 3:21. Uwuhagarara hafi cane ya Kristo azoba uwanyoye cane ku mutima w'urukundo rwitanga,- urukundo «rutihayagiza, rutihimbaza,... rutarondera ivyarwo, ruticiraho, rutiyumvira ikibi.» (1 Ab'i Korinto 13:4, 5) Urukundo rusunika umwigishwa nk'uko rwasunika Uwami wacu, gutanga vyose, kubaho no gukora no kwitanga gushika no ku rupfu, ku bwo agakiza k'abantu.IN 284.2

    Ikindi gihe mu gihe c'ibikorwa vyabo vyo kuvuga ubutumwa kw'isi, Yakobo na Yohana bahwanye n'umuntu, naho atari azwi nk'umwigishwa wa Kristo, yariko arasenda abadayimoni mw'izina ryiwe. Abo bigishwa babujije uwo muntu gukora kandi biyumvira ko bagira neza mu gukora batyo. Ariko igihe bashikana ico kibazo imbere ya Kristo, yarabakankamiye ati, «Ntimumubuze, kuko ata muntu azokora igitangaza mw izina ryanje, azoshobora guca amvuga nabi,» Mariko 9:39. Nta n umwe mu buryo ubwo ari bwo bwose yerekana ko acuditse na Kristo yategerezwa kwigizwayo. Abigishwa ntibategerezwa gukuyakuya umutima utabona kure, w'amacakubiri, ahubwo bategerezwa kugaragaza wamutima wo gushikira bose, bari babonye mu Mwigisha wabo. Yakobo na Yohana bari bibwiye ko mu kubuza uwo muntu barwanira agateka k'Umwami wabo; ariko batanguye kubona ko babiterwa n'ishari. Baremeye ikosa ryabo kandi bemera gukosorwa.IN 284.3

    Ivyo vyigwa vya Kristo, bishira imbere ubugwaneza n'ukwicisha bugufi n'urukundo nk'ibintu ntabanduka bifasha gukurira mu buntu no kwemerwa mu gikorwa ciwe, vyari ivyo agaciro kanini kuri Yohana. Yabitse mu mutima icigwa buri cigwa kandi arondera na ntaryo gutegeka ubuzima bwiwe gukurikiza ako karorero k'Imana. Yohana yari yatanguye gutahura ubwiza bwa Kristo-atari ubwiza bwo kurata ubutunzi n'icubahiro vy'isi n'ubushobozi yari yarigishijwe kwizigira, ahubwo «ubwiza nk'ubwo Umwana w'ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n'ukuri.» Yohana 1:14. Uburebure n'inkomezi z'urukundo Yohana yari afitiye Umwigisha wiwe si vyo vyatumye Kristo amukunda, ahubwo vyari inkurikizi y'urwo rukundo. Yohana yifuza kuba nka Yesu, kandi biciye mu gikorwa c'urukundo rwa kristo gihindura, yahindutse umugwaneza kandi yiyorosha. Ukwikunda kwiwe kwahishijwe muri Kristo. Yohana yarushije bagenziwe bose mu kwihqmbirira ku bushobozi bw'ubwo buzima butangaje. Avuga ati, «Ubwo bugingo bwarerekanywe, kandi turabubona.» Kuko ibibogaboga muri We ari vyo twahaweko twese n'ubunhi bugerekeranye n'ubundi.» 1 Yohana 1:2; Yohana 1:16. Yohana yari azi Umukiza mu nzira yo kubana na We. Ivyigwa vy'Umwigisha wiwe vyiyanditse mu mutima wiwe. Igihe yashingira intahe ubuntu bw Umukiza, unvugo yiwe yoroheje yagaragaza urukundo rwabogaboga mu buzima bwiwe bwose. Urukundo rukomeye yari afitiye Kristo ni rwo rwatuma yifuza imisi yose kuba i ruhande yiwe. Umwigisha yakimda ba bandi cumi na babiri bose, ariko Yohana ni we yari afise umutima wakira kuruta abandi. Yari muto kuruta abandi, maze yugururira umutima wiwe Yesu nk'umwana yizigira umuvyeyi wiwe. Gutyo, yagiranye na Kristo imishikirano ikomeye, kandi Umukiza yacishije muri we inyigisho zihambaye zo mu vy'impwemu yashikirije abantu.IN 285.1

    Yesu akunda abaserukira Data, kandi Yohana yashobora kuvuga ivyo urukundo rwa Data kuruta abandi bigishwa bose. Yahishuriye abantu ivyo we ubwiwe yiyumva mu mutima, yerekana muri kamere yiwe uko Imana imeze. Ubwiza bw'Umwami Imana bwaboneka mu maso hiwe. Ubutore bw'ubweranda bwari bwaramuhinduye bwakayanganira mu maso hiwe bufise ugukayangana kwa Kristo. Mu gusenga no mu rukundo, yitegereje Umukiza gushika aho gusa na Kristo no kugira ubumwe na We bihinduka icifuzo ciwe rudende, kandi muri kamere yiwe hagaragaye kamere y'Umwigisha wiwe. Yavuze ati, «Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b'Imana .... Abo nkunda, none turi abana b'Imana, ariko uko tuzomera ntikurahishurwa: ico tuzi ni uko, Yesu niyahishurwa tuzosa na We, kuko tuzomuraba uko ari.» 1 Yohana 3:1, 2.IN 285.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents