Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 21: Mu Ntara Zo Hirya

    Iki kigabaue Gishimikiye ku vyakozwe n'lntumwa 16:7- 40

    Igihe cari kigeze ngo ubutumwa bwiza buvugwe hirya y'akarere ka Asiya ya hafi. Inzira yariko iraboneka ngo Paulo na bagenziwe bajabuke mu Burayi. I Tirowa, ku nkengera yTbahari Mediterane, «maze Paulo mw'ijoro arota inzozi, abona umugabo w'i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya udutabare.»Umuhamagaro warihuta, ntiwari ukeneye ko atebagana. «Amaze kurota izo nzozi,» Luka, uwari yaherekeje Paulo na Sila na Timoteyo mu rugendo bajabuka Uburayi ,avuga ati: «tuca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yuko Imana iduhamagariye kubabwira ubutumwa bwiza. Nuko tuvuduka i Tirowa mu bwato, turaramiriza tuja i Samotirake, bukeye bw'aho dushika i Neyapoli, tuvuyeyo dushika i Fihpi, igisagara c'i Makedoniya gikuru muri iyo ntara, cubatswe n'Abaroma.» «Ku musi w'Isabato,» niko Luka akomeza kuvuga, «turengana irembo ry'igisagara, tuja ku ruzi, dukeka ko hobayo ahahoTa hasengerwa; turicara, tuyaga n'abagore bahakoraniye. Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w'impuzu z'inyambarabami, wo mu gisagara ciwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza : Umwami Yesu amwugurura umutima.» Ludiya yakiriye ukuri anezerewe. We n'abo mu nzu yiwe barahindukiriye Imana kandi barabatizwa, kandi yinginga iyo ntumwa ngo isembere iwe.IN 110.2

    Ubwo intumwa z'umusaraba zakomeje igikorwa zigisha, umwigeme yari afise dayimoni iragura yarabakurikiye asemerera ngo, «aba bantu ni abasavyi b'Imana isumba vyose, kandi barababarira inzira y'agakiza. Amara imisi myinshi agenza atyo.» Uwo mwigeme yari intumwa idasanzwe ya Satani kandi yari yaratungishije ba shebuja ku bwo iyo ndagu. Ibikorwa vyiwe vyari vyafashije gushigikira gusenga ibigirwamana. Satani yari azi ko ubwanu bwiwe bwatewe, maze afata iyo nzira ngo arwanye igikorwa c'Imana, yizigiye ko avanga ubuhendanyi bwiwe n'ukuri kwigishwa n'abo bariko baramamaza ubutumwa bwiza. Amajambo y'uwo mwigeme yavuga abwira abantu yari intambamyi ku kuri, yasamaza abantu ngo ntibakurikire inyigisho z'intumwa, maze agatitura ubutumwa bwiza, kandi ku bwo ayo majambo yatumye benshi bizera ko abo bantu bavugishwa na Mpwemu n'ubushobozi bw'Imana bakoreshwa n'impwemu isa n'impwemu y'iyo ntumwa ya Satani.IN 110.3

    Mu kiringo gito intumwa zarihanganiye uwo mwansi; hanyuma, asunitswe na Mpwemu Yera, Paulo ategeka iyo dayimoni kuva muri uwo mwigeme. Kuba yaciye aceceka, vyagaragaje ko intumwa zari abakozi b'Imana kandi iyo dayimonia yari yatahuye ko ari abakozi b'Imana koko, kandi yarubashe itegeko ryabo. Amaze kubohorwa iyo dayunoni, kandi akongera gutora ubwenge nyakuri, uwo mwigeme yaciye ahitamwo kuba umwigishwa wa Kristo. Maze ba shebuja babonye ko ico bazigako inyungu kivuyeho, bagira ubwoba. Babonye ko ivyizigiro vyabo vyose vyo kuronka amahera mu ndagu yiwe vyari birangiye kandi ko isoko y'amahera yari igiye gukama bidatevye igihe intumwa zorekurirwa kubandanya igikorwa co kuvuga ubutumwa. N'abandi benshi bashimishwa no kuronka amahera biciye mu buhendanyi bwa Satam, maze, abo nabo ku bwo gutinya ubushobozi bushobora guhagarika igikorwa cabo, bashira hejuru basemerera biyamiriza abasuku b'Imana. Bafata izo ntumwa barazikwega bazijana imbere y'abacamartza babarega: «Aba bantu bahagarika imitima y'abo mu gisagara cacu, kandi ari Abayuda; batuzanira imigenzo tuzira kwemera canke kuyikora, twebwe turi Abaroma.»IN 111.1

    Ishengero ribahagurukira icarimwe, abacamanza babakakagurirako impuzu, bategeka ko babakubita. «Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw'ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane . nawe abariwe atyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z'ibiti.» Intumwa zarababajwe n'ihohoterwa rikomeye ku bwo aho hantu bazisize, ariko ntibavyidogeye. Ahubwo, mu mwiza w'umuzitanya n'ukwigunga kwo mw'ibohero, barashigikiranye mu majambo no mu gusenga kandi baririmba bashimagiza Imana kuko basanzwe babereye gukozwa isoni ku bwa Kristo. Imitima yabo yanezerejwe n'urukundo rukomeye bakunda igikorwa c'Umukiza. Paulo yakubitije agatima mpembero ku gahamo yari yahoze ateza abigishwa ba Kristo, maze anezezwa n'uko amaso yiwe yugurutse akabona, n'umutima wiwe ugatahura ubushobozi bw'ubuninahazwa bw'ukuri yahora akengera kera. Abandi bafungwa batangajwe n'ukwumva amasengesho n'indirimbo biva mw'ibohero. Bari bamenyereye kwumva akaruru n'intimba, imivumo n'indahiro, birengera agacerere k'ijoro; ariko nta na rimwe bari bwumve amasengesho n'amashimwe biduga biva muri ivyo vyumba vy'umwiza. Abarinzi hamwe n'imbohe baratangaye baribaza abo bantu abo ari bo, bashobora kunezerwa bari mu mbeho, umukanda mu nda, n'ihohoterwa.IN 111.2

    Abacamanza bobo bitahiye i muhira birya akara ngo bafashe ingingo ruhasha zo guhumuriza abanyagihugu. Ariko bashitse mu nzira bumvise ibintu bidasanzwe bijanye na kamere bo n'igikorwa c'abo bari baciriye urubanza rwo kubabazwa n'ugutabwa kandi bakabata muri yompi. Bitegereje wa mwigeme yari yabohowe ubushobozi bwa Satani maze batangazwa n'ihinduka riboneka mu maso hiwe no mu nyifato yiwe. Muri ka hise, yari yateje ingorane nyinshi igisagara; none ubu aratekanye kandi afise amahoro. Babonye ko uko biri kose baciriye igihano c'itegeko ry'Abaroma abantu ataco bagirizwa, baricujije maze bafata ingingo ko mu gitondo bazotegeka ko intumwa zibohorwa mu mpisho, zikavanwa mu gisagara, bagakingirwa akaga n'ubwicanyi bw'abanyagihugu.IN 112.1

    Ariko n'ubwo abantu bagize agatima k'ubwicanyi no kwihora, canke bakaba abagesera mu kudakora ico bajejwe, Imana yoyo ntiyibagiye kugirira neza abasuku bayo. Ijuru ryose uko ryakabaye ryari ryitayeho abo bantu bariko barababazwa ku bwa Kristo, maze abamarayika barungikwa kugendera iryo bohero. Imirindi yabo yahindishije isi umushitsi. Inzugi karuhariwe ziremereye zariyuguruye; iminyororo n'ivyuma bizungurutse ibikonjo n'amaguru y'izo mbohe biracagagurika; maze umuco ukayangana wuzura iryo bohero. Umurinzi w'ibohero yari yatangajwe n'amasengesho n'indirimbo z'amashimwe vy'izo ntumwa ziboshwe. Igihe yinjira yari yabonye ibikomere vy'izo ntumwa bijejeta amaraso, kandi we nyene ubwiwe yari yarobeje amaguru yabo mu mpatane y'ibiti. Yari arindiriye kwumva baboroga kandi bisiba, ariko mu kibanza c'ivyo, yari yumvise indirimbo z'amashimwe. Uyo murinzi yari yasinziriye yumva ayo majwi, yinjira mw'itiro yakuwemwo n'ukunyiganyiga n'ukudegedwa kw'impome z'ibohero. Ashira akaruru hejuru, abona inzugi zose zuguruye, maze atinya yibaza ko ba bafungwa batorotse. Yibutse ingene baraye bamwihanikirije ngo arinde neza Paulo na Sila, maze ati nta kindi gihano bampa atari urupfu kuko baza kwibaza ko ntakoze igikorwa canje. N'agahinda kenshi mu mutima yumva ko vyomubera vyiza yiyishe hako yopfa urwo agashinyaguro. Asokoye inkota ngo yiyahure, niho yumva ijwi rya Paulo rivuga amajambo ahumuriza, ati «Ntiwigirire nabi: kuko twese turi hano.» Umuntu wese yari mu kibanza ciwe, afashwe n'ubushobozi bw'Imana bwiyerekanira mu wo bapfunganywe.IN 112.2

    Uburyo uwo murinzi yari yasesereje intumwa ntibwatumye biyumvira kwihora. Paulo na Sila bari bafise Mpwemu wa Kristo, nta mutima wo kwihora bari bafise. Imitima yabo, yari yuzuye urukunde rw'Umukiza, nta kibanza c'ububisha yari ifitiye ababahama. Wa murinzi yasokoye inkota yiwe, ahamagaza imuri, yitera mu nzu. Vifuza kubona ingene abo bantu bameze, bamusubirije mu ndumane ku bibi yari yabagiriye. Ashitse mu kibanza intumwa zarimwo, yikubita imbere yabo, abasaba imbabazi.Nuko abasohokana hanze arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?IN 112.3

    Uwo murinzi w'ibohero yari yahinze umushitsi abonye uburake bw'Imana bwigaragarije muri nyamugiginfa; igihe yibaza ko abafungwa batorotse yari yiteguye kwiyahura; ariko noneho ivyo vyose yabonye ko ari ibintu bito abigereranije n'ibishasha, bitangaje vyabogaboga mu bwenge bwiwe, n'icifuzo ciwe co kugira umutekano n'umunezero intumwa zerekanye ziriko zirababazwa, mbere n'uguhohoterwa. Yabonye mu maso habo umuco w'ijuru; yabonye ko Imana yahahagaze mu buryo bw'igitangaza ngo irokore ubuzima bwabo; maze amajambo wa mwigeme afise dayimoni yavuga yikubita mu bwenge bwiwe: «Aba bantu ni abasavyi b'Imana isumba vyose, kandi batubarira inzira y'agakiza.» Basaba bicishije bugufi intumwa ngo zibereke inzira y'ubugingo. «Izere Umwami Yesu, urakira mwe n'abo mu nzu yawe,» niko bamwishuye; maze baherako bamubwira ijambo ry'Umwami, we n'abo mu nzu yiwe bose.» Nuko uwo murinzi w'ibohero aherako yuhagira inguma z'intumwa, arazigaburira, hanyuma baramubatiza, we n'abo mu nzu yiwe bose. Akamoto keranda gakwiragira mu bari mw'ibohero bose, maze bose buguruka imitima bumviriza ukuri izo ntumwa zavuga. Batahuye ko Imana abo bantu basenga yari yababohoye mu buryo bw'igitangaza.IN 113.1

    Abantu b'i Fihpi bari batewe ubwoba na nyamugigima, maze igihe bukeye abacamanza b'ibohero bababwira ivyabaye mw'ijoro, bagira ubwoba, maze barungika abagendanyi kubohora intumwa. Ariko Paulo abishura, ati «Badukubitiye imbere y'ishengero, ata kidutsinze kandi turi Abaroma, kandi badushira mw'ibohero; none bashaka kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubwabo badusohore.» Intumwa zari zifise ubwenegihugu bwa Roma, kandi vyari bibujijwe n'amategeko gukubita Umuroma, kiretse yakoze icaha gikomeye cane,canke kumubuza umwidegemvyo ata rubanza rwamutsinze. Paulo na Sila bari baboshwe bafunzwe ku mu garagaro, niko kwanka kurekurwa mu mpisho bataronse ubusobanuro buvuye ku bacamanza. Ayo majambo ashitse mu matwi y'abategetsi, baciye bagira ubwoba bibaza ko intumwa zohava zitwara ku mwami, nuko babanza kwinjira mw'ibohero, basaba imbabazi Paulo na Sila kuko babarenganije kandi bakabagirira nabi, ndetse babikurira bo nyene mw'ibohero, babinginga kuva mu gisagara. Abacamanza batinya kuko intumwa zari zizwi neza n'abantu, kandi batinya ubushobozi bwari bwarwaniye abo bantu b'inziramugayo. Intumwa zakurikije impanuro za Kristo, zo kutihambirira kuguma ahantu bidakenewe. «Bavuye mw'ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanura, bavayo.»IN 113.2

    Intumwa ntizafashe ko igikorwa cazo i Ftfipi ari impfagusa. Bari bahwanye n'intambamyi nyinshi, hamwe n'agahamo; ariko ukuboko kw'Imana kuri bo, n'ihinduka rya wa murinzi w'ibohero n'abo mu nzu yiwe bose, vyacunguye kure cane igorane n'imibabaro bari baciyemwo. Inkuru y'ingene baboshwe ata caha bagirizwa, n'uburyo bw'igitangaza babohowemwo, vyakwiragiye mu karere kose, maze bituma igikorwa c'intumwa kimenyekana ku bantu benshi batari gushikirwa mu bundi buryo. Ibikorwa vya Paulo i Filipi, vyavyaye ishengero abizera baryo baciye biyongera bidatevye. Umwete n'ukwitanga vyiwe, ikiruta vyose, kwemera kubabazwa ku bwa Kristo, vyakoze ku mitima y'abizera basha ku buryo batazovyibagira. Bishimira cane uko kuri kutagia akagero intumwa zemeye kwitangira, maze bitanga batiziganije ku bwo igikorwa c'Umukiza wabo.IN 114.1

    Kuba iryo shengero ritakize agahamo vyerekanwa mw'ikete Paulo yabandikiye. Avuga ati, «Kuko ico mwahawe mwagabiwe ku bwa Kristo, atari ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubwiwe, muri muri ya ntambara mwambonanye.» Ariko yabivuga bivuye ku mutima,ku buryo yavuze ati, «Nshima Imana yanje, uko mbibutse kwose, kandi uko nsenze kwose mbasengera mwese, kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bwiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n'ubu.» Ab'i Filipil:29, 30, 3-5.IN 114.2

    Intambara ibera hagati y'ikibi n'iciza irakomeye cane, mu bisagara binini, iyo intumwa z'ukuri zihamagawe kuhakorera. Paulo avuga ati, «Kuko abo tunigana atari abo inyama n'amaraso, ariko tunigana n'abakuru n'abafise ububasha n'abaganza iyi si y'umwiza, n'impwemu mbi z'ahantu ho mw'ijuru.» Abanyefeso 6:12. Gushika ku muhero w'isi, hazokwama hari intambara hagati y'ishengero ry'Imana n'abakoreshwa n'abamarayika babi.IN 114.3

    Abakristo ba mbere basabwa kenshi guhangarana n'inkomezi z'umwiza, imbona nkubone. Mu buryo bw'ubuhendanyi n'agahamo, umurwanizi agerageza kubakura ku kwizera nyakuri. Muri iki gihe, ubwo umuhero wa vyose wegereza vuba, Satani akoresha inkomezi za nyuma ngo yifatire isi yose. Akora imigambi myinshi ngo asamaze abantu kandi abajane kure y'ukuri ngenderwako kw'agakiza. Mu bisagara vyose abakozi biwe bakora ubugahumeka, batondesha mu mirwi abantu barwanya amabwirizwa y'Imana. Uwo mubeshi karuhariwe akora cane yinjiza ibintu bisha vyo guteza akajagari n'ubugarariji, kandi abantu bazigirijwe n'umwete udahwanye n'ukuri. Ububi buriko bushikira urugero rutigeze rushikwako, ariko kandi abavugabutumwa benshi basemerera bavuga ngo «Amahoro n'umutekano ni vyose.» Ariko intumwa z'Imana z'intungane zitegerezwa gukomeza igikorwa cazo. Bambaye ubwiza bw'ijuru, bategerezwa gutera baja imbere kandi banesha, ntibidohore mu rugamba, kugeza aho abantu bose bashobora gushikira baronka ubutumwa bwiza bw'iki gihe.IN 114.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents