Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 13: Imisi Yo Kwitegura

    Iki Kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 9:19-30.

    Amaze kubatizwa, Paulo yarangije ukwisonzesha kwiwe, maze agumana imisi n'abigishwa b'i Damasiko. Aca aherako avuga mu masinagogi ivya Yesu, yuko ari Umwana w'Imana . Avuga n'ubushizi bw'amanga ko Yesu Umunyanazareti ari umwe Mesiya bari bararindiriye, «yapfiriye ivyaha vyacu, nk'uko Ivyanditswe bivuga;... agahambwa, ... kandi akazuka ku musi ugira gatatu,» maze abonana na bamwe cumi na babiri, n'abandi. Paulo arongera avuga ati, «maze hanyuma ya bose,» nanje aranyiyereka, meze nk'inda yakorotse.» 1 Ab'i Korinto 15:3,4,8. Ivyiyumviro vyiwe bivuye mu majambo y'abavugishwa n'Imana yari atomoye neza, kandi ibikorwa vyiwe vyagaragaza ko akoreshwa n'ubushobozi bw'Imana, ku buryo Abayuda baburaniwe kandi bakananirwa kumwishura. Inkuru yuko Paulo yahindutse yatangaje cane Abayuda. Uwari yagiye i Damasiko «afise ububasha kandi arungitswe n'abaherezi bakuru» gufata n'uguhiga abizera, ubu noneho ariko yigisha ubutumwa bwiza bw'Umukiza yabambwe kandi akazuka, akomeza ibiganza vy'abari bamaze kuba abigishwa, azana na ntaryo abahindutse basha mu kwizera yahora arwanya yivuye inyuma. Paulo yahoze azwi ko arwanira idini y'Abayuda kandi ahama abigishwa ba Yesu atiziganije. Inshigwarimenetse, yidegemvya, idacika intege, ingabire ziwe n'amashure yiwe vyari kumushoboza gukora hafi igikorwa ico ari co cose. Yashobora guharira afise ivyiyumviro birashe, kandi imvugo yiwe y'agahemo yashobora kubuza amahoro uwumurwanya. Maze noneho Abayuda babona uyu musore afise kazoza kadasanzwe yifatanije n'abo yahora ahama, kandi yigisha adatinya mw'izina rya Yesu.IN 64.1

    Umukuru w'ingabo aguye ku rugamba ni uruhombo ku ngabo ziwe, ariko urupfu rwiwe nta nkomezi zindi rwongereza ku kugwanya inkomezi z'umwansi. Ariko iyo umuntu kizigenza yifatanije n'umwansi, si ibikorwa vyiwe gusa bagenzi biwe baba batakaje, ahubwo abo yiyunze nabo baba bungutse cane. Sauh w'i Taruso, igihe yariko agana i Damasiko, umwami yari kumwica bitagoranye, kandi ubushobozi bw'abahiga abizera bwari kuba bugabanutse. Ariko Imana mu nteguro yayo, ntiyaziganije gusa ubuzima bwa Sauli, ahubwo yaramuhinduye, muri ubwo buryo avana umuhizi ku ruhande rw'umwansi amwimurira ku ruhande rwa Kristo. Umuntu w'imvuzi kandi azi gushishoza, Paulo yari afise ibikenewe muri iryo shengero rya mbere.IN 64.2

    Ubwo Paulo yigisha i Damasiko, abamwumva bose baratangara bavuga bati «Mbega uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu, kandi nico cari kimuzanye n'ino, kugira ngo abashire abaherezi bakuru bari mu ngoyi?» Paulo yavuze ko ihinduka ry'ukwizera kwiwe ritasunitswe n'igihababu canke ubuhizi bwo kurwanira idini, ahubwo ko ryazanywe n'ibintu yabonye bigaragara. Mu kwigisha ubutumwa bwiza, yagerageza kwerekana ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana vyerekeye umuzo wa mbere wa Kristo. Yarangiza Yerekana ko izi mburi zasohoye ijambo kw'ijambo muri Yesu Umunyanazareti. Ishimikiro ry'ukwizera kwiwe yari ijambo ry'abavugishwa n'Imana.IN 65.1

    Paulo yabandanije yinginga abamwumviriza ngo «bihane, bahindukirire Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n'ukwizera» (Ivyakozwe n'Intumwa 26:20), «akomeza kugira ubushobozi, kandi atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka ko uwo koko ari we Kristo.» Ariko benshi bikomantaza imitima, banka kwakira ubutumwa bwiwe, kandi bidatevye kwa gutangarira uguhinduka kwiwe guhinduka urwanko runuka nka rwa rundi bari bafitiye Yesu. Ukumurwanya kwarakomeye cane gushika aho Paulo adashobora kubandanya ibikorwa vyiwe i Damasiko. Ubutumwa buvuye mw'ijuru bumusaba kuba aravuye i Damasiko akanya, niko «kuja muri Arabiya» (Ab'i Galatiya 1:17), aho yaronkeye ubuhungiro. Aha, mu bwiherero bw'ubugaragwa, niho Paulo yari afise akaryo gahagije ko kwiga no kwiyumvira. Yasubiyemwo yitonze kahise kiwe, kandi akomeza ukwihana kwiwe. Yarondeye Imana n'umutima wiwe wose, ntiyahumeka gushika aho amenya adakekeranya ko ukwihana kwiwe kwemewe, kandi ko icaha ciwe cahariwe. Yarondera icemezo ko Kristo azobana nawe mu gikorwa ciwe. Yiyambuye ivyiyumviro vyiwe bigoramye n'imigenzo yari yubakiyeko ubuzima bwiwe, yakira inyigisho kw'isoko y'ukuri. Kristo yanywanye nawe kandi amukomeza mu kwizera, amusukako ubutunzi bwinshi bw'ubwenge n'ubuntu.IN 65.2

    Igihe ubwenge bw'umuntu bunywanishijwe n'ubw'Imana, uwufise imbibe akanywanishwa uwutagira imbibe, ico bikora ku mubiri, ku bwenge no ku mutima birengeye ivyiyumviro. Mu bumwe nk'ubwo hari ubwenge bwo hejuru cane. N'uburyo Imana ubwayo ikoresha mu gukuza umuntu. «Enda rero ni wiyuzuze nayo» (Yobu 22:21), nibwo butumwa bwiwe ku bantu. Ibango Paulo yaremetswe igihe yavugana na Ananiya, ryagumye rikomeza kuremera umutima wiwe. Igihe rya jambo ryari rimaze kuvugwa ngo «Sauli, mwene Data, humuka,» Paulo akabona ubwa mbere uwo muntu w'Imana, Ananiya asunitswe na Mpwemu Yera yamubwiye ati «Imana ya ba sogokuruza yagutoranije kumenya ivyo igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe: kuko uzombera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise. None ikigutevya ni iki ? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ry'Umwami.» Ivyakozwe n'Intumwa 26:13-16.IN 65.3

    Aya majambo yari ahuye n'amajambo ya Yesu ubwiwe, igihe yahagarika Sauh mu nzira aja i Damasiko, avuga ati «Igitumye ndakwiyereka ni ukugira ngo ndagutoranye nkugire umukozi wanje n'icabona co gushingira intahe ivyo umbonanye, n'ivyoIN 66.1

    nzokwiyerekeramwo; ndagukize abo muri ubu bwoko bo n'abanyamahanga, ni bo ngutumyeko, kubahumura, amaso, kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no ku bubasha bwa Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n'abejejwe n'ukunyizera.» Ivyakozwe n'Intumwa 26:16-18. Ubwo yiyumvira ibi bintu mu mutima wiwe, Paulo niko yakomeje gutahura umuhamagaro wiwe «wo kuba Intumwa ya Yesu Kristo nk'uko Imana yagomvye.» 1 Ab'i Korinto 1:1. Umuhamagaro wiwe nti wari wavuye «ku bantu, canke ku muntu, ariko kuri Yesu Kristo, n'Imana Data.» Ab'i Galatiya 1:1. Uburemere bw'igikorwa yahawe bwatumye yiga cane Ivyanditswe Vyera, kugira ngo avuge ubutumwa «atavugishije ubwenge bw'amajambo, kugira ngo umusaraba ntucike ubusa,» ariko «biserukemwo Mpwemu Yera n'ubushobozi,» kugira ngo ukwizera kw'abumva bose «ntiguhagarare mu bwenge bw'abantu, ariko guhagarare mu bushobozi bw'Imana.» 1 Ab'i Korinto 1:17; 2:4,5.IN 66.2

    Ubwo Paulo yasesangura mu Vyanditswe, yamenye ko uhereye kera «abo ubwenge bw'abantu bahamagawe atari benshi, abakomeye bahamagawe atari benshi, abafasoni bahamagawe atari benshi: ariko Imana yatoranije ibipfu vyo mw'isi, ngo imaramaze abanyabwenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw'isi ngo imaramaze ibikomeye, kandi n'ivyoroheje vyo mw'isi, n'ibikengerwa, mbere n'ibitariho, Imana yarabitoranije ngo ititure ibiriho: kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y'Imana.» 1 Ab'i Korinto 1:26-29. Maze, abonye ubwenge bw'isi abugereranije n'umuco w'umusaraba, Paulo «yafashe ingingo yo kutagira ico amenya,... atari Yesu Kristo, we yabambwe.» 1 Ab'i Korinto 2:2. Mu gikorwa ciwe, no mu misi yakurikiye, Paulo ntiyigeze yibagira isoko y'ubwenge bwiwe n'inkomezi ziwe. Imyaka myinshi inyuma y'aho, mwumvirize namwe ingene avuga ati: «Ku bwanje, kubaho ni Kristo.» Ab'i Filipi 1:21. Kandi arongera ati «Eka mbere n'ibintu vyose ndavyiyumvira ko ari ubuhombe, ku bw'ikibirengeye, nico kumenya Kristo Yesu Umwami wanje: ku bw'uwo nahomvye ibintu vyose,...kugira ngo ndonke Kristo, kandi mboneke ko ndi muri We, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva ku vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabwa uwizeye: ngo ndamumenye, menye n'ubushobozi bw'ukuzuka kwiwe, no gufatanya nawe imibabaro yiwe,» Ab’ i Filipi 3:8-lo.IN 66.3

    Avuye muri Arabiya, Paulo «yasubiye i Damasiko» (ab'i Galatiya 1:17), maze «avuga ubutumwa bwiza ashize amanga... mw'izina rya Yesu.» Bananiwe guhangarana n'ubwenge bw'amajambo yiwe, «Abayuda baja inama yo kumwica.» amarembo y'igisagara yari arinzwe cane ijoro n'umutaga ku buryo bitashoboka ko bamuhungisha. Ibi bihe bigoye vyatumye abigishwa barondera cane Imana, maze vyabaye kera «bamujana mw'ijoro, bamucisha mu ruzitiro rw'amabuye, bamwururukirije mu giseke.» Amaze guhunga ava i Damasiko, Paulo yagiye i Yerusalemu, inyuma y'imyaka itatu ahindutse. Intumbero nyamukuru yamujanye yo, nk'uko abivuga mu nyuma, yari «kubona Petero.» Ab'i Galatiya 1:18. Ashitse muri ca Gisagara yari asanzwe azwi neza nka Sauli «uwuhiga Abakristo,» agerageza kwifatanya n'abigishwa: bose baramutinya, ntibemera ko ari umwigishwa.» Vyari bigoye kuri bo kwemera ko Umufarisayo bukovongo nka we, kandi yakoze vyinshi ngo arandure ishengero, yoshoboye kuba umwigishwa wa Yesu w'ukuri. «Ariko Barunaba, aramwakira, amushira intumwa, aziganira ingene yabonye Umwami Yesu, mu nzira, n'ingene yavuganye nawe, n'ingene yavuze ashize amanga mw'izina rya Yesu i Damasiko.»IN 67.1

    Bamaze kuvyumva, abigishwa bamwakira nk'umwe wo muri bo. Bidatevye, baronse ivyemezo bihagije vyerekana ukuri kw'ubukristo bwiwe. Uwo muntu yahindutse intumwa ku banyamahanga yari ashitse mu gisagara kirimwo abahoze bafatanije nawe, kandi yifuza cane kwereka abo barongozi b'Abayuda ivyo abavugishwa n'Imana bavuze kuri Mesiya, vyari vyasohojwe n'ukuza kwa mbere kw'Umukiza. Paulo yibajije ko abo bigisha muri Isirayeh bari bazinanye neza, bari abanyakuri n'abizigirwa nk'uko nawe yari. Ariko yari yihenze ku vyerekeye umutima wa bene se b'Abayuda, maze icizere yari afise ko bashobora guhinduka bidatevye, gihinduka agahinda n'umubabaro. Nubwo «yavuze ashize amanga mw'izina ry'Umwami Yesu, agaharira n'Abagiriki,» abo ku ruhande rw'Abayuda baranse kwizera, ahubwo «baja kugira inama yo kumwica.» Agahinda kamwuzuye umutima. Yari yiteguye guheba ubugingo bwiwe kugira ashobore kuzana bamwe kumenya ukuri. Yiyumvirana isoni uruhara rukomeye yagize mu rupfu rwa Stefano, maze noneho, kugira ngo ahanagure ikimenyetso cari ku muntu yagirije ibinyoma umwere, ashaka kurwanira ukuri kwatumye Stefano atanga ubuzima bwiwe. Paulo, aremerewe n'umutwaro w'abo banse kwizera, ari mu rusengero asenga, nk'uko abishingira intahe mu nyuma, amera nk'uwurota; intumwa yo mw'ijuru iramwiyereka ihagarara imbere yiwe, maze ivuga ngo, «tebuka, uve i Yerusalemu vuba: kuko batazokwemera ivyo unshingira intahe.» Ivyakozwe n'Intumwa 22:18.IN 67.2

    Paulo vyabaye ngombwa ko aguma i Yerusalemu, aho yashobora guhura n'abamurwanya. Kuri we vyasa nk'aho guhunga vyari kugaragara ko ari ikijora, namba kuguma aho yari gushobora kugondoza bamwe mu Bayuda b'intagondwa bakakira ubutumwa bwiza, naho vyari kumusaba kuhasiga ubuzima. Niko kwishura ati, «Mwami, nabo ubwabo barazi yuko nashira abakwizeye mw'ibohero, nkabatonagurira mu masinagogi yose; kandi hamwe amaraso y'uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, ndabishimye, nsanze impuzu z'abamwica.» Ariko nti vyari mu mugambi w'Imana ngo umusuku wayo apfe ata mpamvu; maze ya ntumwa yo mw'ijuru isubiza iti, «Genda: kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.» Ivyakozwe n'Intumwa 22:19-21. Bamaze kumenya ivyo yeretswe, abavukanyi bihutira guhungisha Paulo, ava i Yerusalemu mw'ijoro, batinya ko bomwica. Bamumanukana i Kayisariya, maze bamurungika i Taruso.» Kugenda kwa Paulo kwatumye ubushangashirwe bw'Abayuda buhagarara mu gihe gito, n'ishengero rigira agahengwe, katumye benshi biyongera ku gitigiri c'abizera.IN 67.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents