Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 50: Gucirwa Urwo Gupfa

    Mu rubanza rwa nyuma rwa Paulo imbere ya Nero, uwo mwami yari yakozweko n'inkomezi z'amajambo y'iyo ntumwa ku buryo yigijeyo ingingo y'urwo rubanza, atambitse izera uwo musuku w'Imana canke atamwagirije icaha. Ariko ububisha bw'uwo mwami kuri Paulo bidatevye bwongera buravyuka. Ku bwo ishavu ry'uko adashoboye kubuza iterambere ry'idini Rukristo, nvbere no mu nzu nyezina y'umwami, afata ingingo ko igihe cose hoboneka icitwazo gifaditse, iyo ntumwa izoca yicwa. Ntivyatevye ko Nero afata ingingo yo gucira Paulo urwo gupfa. Kubera itegeko rya Roma ritemera ko Umuroma ahohoterwa ku mubiri, yaciriwe urwo gucibwa umutwe. Paulo yatwawe mu mpisho aho bamwicira. Abarorerezi bake ni bo bemerewe kuhaba; kuko abamuhama, batangazwa n'ubushobozi bwiwe bwo kwemeza abantu, batinya ko abantu bokwakira Kristo babonye ingene Paulo yicwa. Ariko n'abasoda bakomantaye imitima bari aho barumvirije amajambo yiwe kandi batangazwa no kubona anezerewe, mbere ahimbawe no kwumva ko agiye gupfa. Kuri bamwe mu babonye urupfu rwiwe, umutima wiwe w'ikigongwe ku bamwishe n'ukwizera Kristo kudahungabana gushika kw'iherezo, vyerekanye akanovera k'ubuzima gatanga ubuzima. Abantu barenga umwe barakiriye Kristo, uwo Paulo yamamaza, kandi mu bihe vyakui ikiye bateresha ukwizera igikumu c'amaraso yabo.IN 266.2

    Gushika kw'isaha ya nyuma y'ubuzima bwiwe Paulo yerekanye ukuri kwa ya majambo yandildye Abakorinto: «Iniana, imwe yavuze ngo umuco wake, uvuye mu mwiza, ni yo yakiye mu mitima yacu, kwerekana urnuco, ni wo kumenya ubwiza bw'Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo. Ariko dufise ubwo butunzi mu nzavya z'ibum’oa, ngo ubushobozi buhebuje bube ubw'Imana, butavuye kuri twebwe. Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima; turahamwa, ariko ntiduhebwa; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho: imisi yose tugendana mu mubiri urupfu rwa Yesu, ng'ubugingo bwa Yesu na bwo buserukire ku mubiri wacu.» 2 Ab'i Korinto 4:6-10. Ukwikwiza kwiwe ntikwari muri we, ahubwo mu kubaho n'igikorwa ca Mpwemu cuzuza umutima wiwe kandi kigategeka iciyumviro cose kugamburukira Kristo. Uwavugishwa n'Imana yavuze ad, «Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umudma wiwe, kukw'akwizigiye.» Amahoro ava mw'ijuru yagaragara mu maso ha Paulo yatumye abantu benshi bakira ubutumwa bwiza.IN 266.3

    Paulo yagendana n’ akaranga ko mw'ijuru. Abahwana nawe bose bumva ko ari mu bumwe na Kristo. Kubera ubuzima bwiwe bwagaragaza ukuri yamamaza, bwatuma inyigisho ziwe zigira ubushobozi. Aha ni ho hari ubushobozi bw'ukuri. Igikorwa c'ubuzima bugororotse ni yo nsiguro yemeza abantu ngo bakire Kristo. Amajambo, n'aho yoba ntahinyuzwa ashobora gusa kuzana ibihari; ariko ubuzima bw'akarorero bwo kwubaha Imana bufise ubushobozi budashobora kuvuguruzwa. lyo ntumwa yibagiye imibabaro yayo yegereje, yitwararika ingene abo agiye gutandukana na bo bazokwifata imbere y'irementanya, urwanko n'agahamo. Abakristo bake bamuherekeje mu kibanza bamwiciyemwo yagerageje kubaremesha no kubakomeza mu gusubiramwo amasezerano yahawe abahamwa bahorwa ukugororoka. Yabameje ko ata na kimwe kizobura gushika mu majambo Umwami Yesu yavuze yerekeye abana biwe bababazwa b'intahemuka. Mu kanya gato bategerezwa kuremerwa n'ibigeragezo vyinshi vy'ubwoko bwinshi; bashobora kutoroherwa mu buzima; ariko bashobora kuremesha imitima yabo n'aya majambo y'Imana advuguruza, avuga ngo, «Nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yuko ashobora kuzigama ikibitsanyo namubikije gushitsa kuri wa musi.» 2 Timoteyo 1:12. Bidatevye ijoro ry'amageragezwa n'ububabare vyari bigiye kurangira, kandi umutwenzi w'umusi mwiza w'umunezero n'amahoro wari ugiye guseruka.IN 267.1

    Iyo ntumwa yitegereza kure, ata gukekeranya canke ubwoba, ahubwo afise ivyizigiro vy'akanyamuneza kandi arindiranye igishika. Ubwo ahagarara mu kibanza co kwicirwamwo ntabona inkota y'umusoda cauke isi igiye vuba kwakira amaraso yiwe; araba hejuru mw'ijuru ritekanye ry'ubururu rya wa musi mwiza ku ntebe y'Uhoraho. Uwo mugabo yizera, yabona imbere yiwe ya ngazi Yakobo yerekwa, igereranya Krislo, afatanya isi n'ijuru, umuntu apfa n'Imana ihoraho. Ukwizera kwiwe gukomezwa no kwibuka ingene abakurambere n'abavugishwa n'Imana bishimikije wa wundi amushigikira, akamuhoza, kandi ariko aratangira ubuzima bwiwe. Kuri aba bantu beranda kuva mu kinjana kuja mu kindi bashingiye intahe ukwizera kwabo, yumva icemezo ko Imana idahemuka. Bagenziwe b'intumwa, mu kuvuga ubutumwa bwiza bwa Kristo, bahwanye n’ amacakubiri afatiye kw'idini n'ukwizera ibintazi kw'abapagani, agahamo, n'intambara, bataravye agaciro k'ubuzima bwabo mu kwikorera umuco w'umusaraba hagati y'umwiza w;iminyurakuzimu y'ukutubaha Imana-yumva abo bantu bashingira intahe Yesu nk'Umwana w'Imana, Umukiza w'abari mw'isi. Mw'ihohoterwa ryo ku mubiri, guturirwa, umunyororo, mu vyobo vy'intare, no mu vyobo vy'isi, yumva havamwo akamo k'intsinzi y'uwupfa azira ukwizera kwiwe. Yumva intahe y'abantu b'abizigirwa, naho banyazwe vyose, bakababazwa, bakicwa urwo agashinyaguro, bemangiye ukwizera kwabo badatinya, bavuga bati, «Ndazi neza uwo nizeye.» Abo bantu, bahevye ubuzima bwabo ku bwo kwizera, batangariza amahanga yose ko uwo bizeye ashobora kubakiza.IN 267.2

    Acunguwe n'ikimazi ca Kristo, yogejwe icaha mu maraso yiwe, kandi yambitswe ukugororoka, Paulo ashinga intahe muri we ko umutima wiwe ufise agaciro mu maso y'Umucunguzi. Ubugingo bwiwe buhishijwe na Kristo mu Mana, kandi azi neza adakekeranya ko uwatsinze urupfu ashobora kuzigama ico abikijwe. Ubwenge bwiwe bwishimikiza isezerano ry'Umukiza, «Nanje nzomuzura ku musi w'iherezo.» Yohana 6:40. Ivyiyumviro vyiwe n'ivyizigiro vyiwe bihagaze ku muzo wa kabiri w'Umwami Yesu. Kandi ubwo inkota y'umusoda imanuka n'ibitutu vy'urupfu bizunguruka uwo agiye gupfa azira ukwizera kwiwe, iciyumviro ciwe ca nyuma citegereza imbere, ku ciyumviro ca mbere azokwikangurana, ngo abonane na wa Mutangabugingo, azomwakirana akanyamuneza katagira uko kovugwa.IN 268.1

    Uhereye ico gihe, ibinjana n'ibindi vyararenganye kuva uwo mutama Paulo asheshe amaraso yiwe nk'uwushingira intahe ijambo ry'Imana na Yesu Kristo. Nta kuboko kwizigirwa kwanditse ku bwo uruvyaro ruzoza ivyanyuma vy'ubuzima bw'uyu mugogorotsi w'Imana, ariko Ijambo ryahumetswe n'Imana ryatuzigamiye igishingantahe c'amajambo yavuze ariko arapfa. Ijwi ryiwe ryasamiranye nk'inzamba mu myaka yose uhereye ico gihe, rikomeza ibihumbi n'ibihumbi vy'ivyabona vya Kristo kandi ryibutsa mu mitima imenetse y'ibihumbi n'ibihumbi ya majambo y'umunezero w'intsinzi yiwe: «Kuko jeho ndiko ndasukwa ku gicaniro, igihe co gutaha kwanje kirashitse. Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera: Ibisigaye, mbikiwe igitsibo c'ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabwa, ariko kandi n'abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabwa.» 2 Tomoteyo 4:6-8.IN 268.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents