Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 9: Abakozi Indwi B'ishengero

    Iki kigabane Gishimikiye ku Vyakoze n'lntumwa 6:1-7.

    «Muri iyo misi, abigishwa bariko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b'inyamo, kuko abapfakazi babo birengagizwa ku ngaburo y'imisi yose.» Ishengero rya mbere ryari rigizwe n'abantu bava mu mirwi myinshi, n'amahanga atandukanye. Igihe c'isukwa rya Mpwemu Yera kuri Pentekote, «Hari Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bari baravuye mu mahanga yose yo musi y'ijuru.» Ivyakozwe n'Intumwa 2:5. Muri abo bizeye bavuye mu Baheburayo bari bakoraniye i Yerusalemu, hari bamwe bari bazwi nk'Abagiriki, bamye bakebana n'Abayuda b'i Palestina uhereye kera, mbere bakanarwana.IN 45.2

    Imitima y'abari bahindutse ku bw'ibikorwa vy'intumwa, yari yarorohejwe kandi yaranywanishijwe n'urukundo rw'Umukiza. Naho batiyumvirana neza hambere aho, bose babanye mu mahoro. Satani yari azi ko igihe cose ubu bumwe buzobandanya ata nkomezi azoronka zo kwankiriza iterambere ry'ubutumwa bwiza; agerageza gukoresha inyifato n'ivyiyumviro vya kera, yizeye ko muri iyo nzira ashobora kuzana amacakubiri mw'ishengero. Maze vyarashitse, uko abigishwa bakomeje kugwirirana, niko umwansi nawe yorohewe mu kuzana ukwikekana kwa bamwe kera bari bafise ingeso yo kugirira ishari bene wabo basangiye ukwizera, n'ukurondera amakosa mu barongozi, maze «Abayuda bavuye mu Bugiriki bidodombera Abaheburayo b'inyamo.» Inyanduruko y'imyidogo ngo ni uko abapfakazi b'Abayuda bavuye mu Bugiriki birengagizwa mu ngaburo ya buri musi. Gusumbanya abantu vyari kuba biteye kubiri n'ivyiyumviro vy'ubutumwa bwiza, ariko Satani yari yashoboye kuzana imyikeko. Ingingo zihutirwa rero zategerezwa gufatwa ngo bakureho intandaro yo kutanyurwa iyo ari yo yose, kugira ngo umwansi ntatsinde mu gikorwa ciwe co kuzana amacakubiri mu bizera.IN 45.3

    Abigishwa ba Kristo bari bageze ahafiyerera mu kubaho kwabo. Bivuye ku burongozi bwiza bw'intumwa, bakorera mu bumwe barongowe n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera, igikorwa intumwa z'ubutumwa bwiza cariko kirakura vuba vuba. Ishengero ryakomeza gukura, kandi uku kwiyongera kw'abizera kwatumye imitwaro yiyongera ku barongozi. Nta muntu n'umwe, canke akagwi k'abantu, yari gushobora kubandanya kwiremeka iyo mitwaro wenyene, adataye mu kaga kazoza k'ishengero. Hari hakenewe ko bongera ku gabangana ibikorwa vyari vyakozwe mu butungane n'abantu bakeya mu misi ya mbere y'ishengero. Intumwa noneho zitegerezwa gutera intambwe ikomeye mu gutunganya uburongozi bw'igikorwa c'ubutumwa bwiza mw'ishengero, mu kuremeka abandi imitwaro bahora bikoreye ubwabo. Bakoranya abizera, intumwa ziyoborwa na Mpwemu Yera mu kugira integuro y'urutonde rwiza rwo gushira mu gikorwa abagize ishengero. Intumwa zivuga ziti, igihe kirageze, aho abarongozi mu vya Mpwemu bajejwe ishengero, boruhurwa umutwaro wo kugaburira aboro n'imitwaro isa n'iyo, ngo babone umwidegemvyo wo kwamamaza ubutupiwa bwiza. Bavuga bati, «Nuko bene Data,» «ni murabe muri mwebwe abantu indwi buzuye Mpwemu Yera n'ubwenge, tubashire kuri iki gikorwa. Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry'Imana.» Iyi mpanuro yarakurikijwe, maze barasenga kandi barambika ibiganza ku bantu indwi batoranijwe, babashira i ruhande bose bakoranye, babashinga igikorwa c'abakozi b'ishengero.IN 45.4

    Itorwa ry'abo bakozi b'ishengero indwi ngo bakurikirane ico igikorwa c'umwihariko, ryabaye ikimenyetso c'imigisha myinshi kw'ishengero. Abo bakozi baritwararitse ubukene bw'abantu ku giti cabo, bongera kandi bitwararika n'umutungo w'ishengero, kandi ku bwo kugenzurana ubwenge umutungo, n'akarorero kabo mu kwubaha Imana, babereye ubufasha bukomeye abarongozi bagenzi babo, mu gushira hamwe inyungu z'ishengero. Icerekana ko iyi ntambwe yari mu nteguro y'Imana, vyagaragajwe n'ingaruka nziza yaciye yibonekeza ubwo nyene. «Nuko ijambo ry'Imana riragwira; abigishwa barondoka cane i Yerusalemu, abaherezi benshi bumvira ukwizera.» Uyu mwimbu w'imitima washobotse hamwe kubera umwidegemvyo munini w'intumwa, ahandi naho ku bw’ umwete n'ubushobozi vyagaragajwe na ba bakozi indwi. Kuba abo bakozi bashizwe i ruhande ku bwo igikorwa c'umwihariko co kwitwararika abakene, ntivyababujije kwigisha ukwizera. Ahubwo, bari bashoboye neza kwigisha abandi mu kuri, kandi bakoze ico gikorwa n'igishika cinshi kandi bararoranirwa.IN 46.1

    Ishengero rya mbere ryari ryahawe igikorwa kidahengeshanya kwaguka-co gushinga ibigwati vy'umuco n'umuhezagiro, aho hose hari abantu b'intungane bemera kwitangira igikorwa ca Kristo. Kwamamaza ubutumwa bwiza vyategerezwa gushika mw'isi yose, kandi intumwa z'umusaraba ntizashobora kwitega ko zizoshika ku nshingano yazo kiretse zigumye mu bumwe bwa Kristo, gutyo zigahishurira isi ko ziri umwe na Kristo mu Mana. Mbega umurongozi wabo, akaba n'Imana, ntiyari yasavye Data, «Ubazigamire mw'izina ryawe, ngo babe umwe nk'uko natwe turi ?» Kandi nti yari yarabwiye abigishwa biwe ati,«Ab'isi barabanka, kuko mutari ab'isi ?» Mbega ntiyari yinginze Se ngo «bahingurwe babe umwe ?» «Ngo isi yizere ko ari wewe wantumye ?» Yohana 17:11, 12, 23, 21. Ubuzima bwabo n'ubushobozi bwabo mu vya Mpwemu vyari bihagaze ku migenderanire bafitaniye n'Umwe yabategeka kwigisha ubutumwa bwiza.IN 46.2

    Abigishwa bashobora kwitega guherekezwa n'ubushobozi bwa Mpwemu yera n'ugukorana n'abamarayika bo mw'ijuru igihe babaye umwe na Kristo gusa. Bafashijwe n'ibi bikoresho vy'Imana bazoshobora guhagarara imbere y'isi nk'abasangiye urugamba, kandi bagatsinda intambara bategerezwa kurwana ubudahengeshanya, banyinyurana n'ubushobozi bw'umwiza.Hamwe bokomeza gukorera mu bumwe, intumwa zo mw'ijuru zabitangiye imbere zokwugurura inzira; imitima ikitegurira kwakira ukuri, kandi benshi boba iminyago ya Kristo. Igihe cose boguma mu bumwe, ishengero ryotera imbere ari «ryiza nk'ukwezi, rikayangana nk'izuba, riteye ubwoba nk'igitero c'ingabo zigendana amabendera.» Indirimbo 6:10. Nta na kimwe coribuza gutera rija imbere. Ishengero ryororanirwa rikava mu ntsinzi rija mu yindi, rishitsa inshingano yaryo yo kwamamaza ubutumwa bwiza, rirangwa n'ubwiza. Uburongozi bw'ishengero i Yerusalemu bwategerezwa kubera akarorero uburongozi bw'amashengero ahantu hose intumwa z'ukuri zizokwemeza abantu guhindukirira ubutumwa bwiza. Abahawe ibango ryo kurongora ishengero, ntibategerezwa gutwaza igitugu iragi ry'Imana, ahubwo, nk'abungere b'ubwenge, bategerezwa «kuragira ubusho bw'Imana... bakabera akarorero ubusho.» (1 Petero 5 :2,3); Kandi abakozi b'ishengero bategerezwa kuba «abatagira umugayo, buzuye Mpwemu -Yera n'ubwenge.» Abo bantu bategerezwa guhagararira ukuri nk'umuntu umwe, kandi bakakugumya n'inkomezi n'ingingo. Gutyo rero bagakwegakwegera mu bumwe umukuku wose.IN 47.1

    Hanyuma y'aho muri kahise k'ishengero rya mbere, igihe mu turere twinshi tw'isi imigwi myinshi y'abizera yari yagizwemwo amashengero, uburongozi bw'ishengero bwaratunganijwe neza kuruta, kugira ngo urutonde no kuja inama n'ingingo bitsimbatare. Umwizera wese yasabwa gukora uruhara rumwega. Umwe wese yategerezwa gukoreshanya ubwenge ingabire yahawe. Bamwe bari bafise ingabire za Mpwemu Yera zidasanzwe-» yabanje gushira mw'ishengero bamwe kuba intumwa, maze aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa nayo, maze aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maze ishiraho abakora ibitangaza, maze ishiraho abahawe ingabire zo gukiza indwara, abahawe gufasha abandi, n'abahawe kurongora, n'abahawe kuvuga indimi nyinshi.» 1 Ab'i Korintol2 :28. Ariko iyi migwi yose y'abakozi itegerezwa gusenyera ku mugozi umwe. «Yamara hari ingabire z'uburyo bwinshi, ariko Mpwemu ni umwe. Kandi hari amabango menshi, ariko Umwami ni umwe. Kandi hari uburyo bwinshi bwo gukora, ariko Imana ni imwe, ikorera vyose muri bose. Yamara umuntu wese ahabwa ikimwerekanako Mpwemu, kugira ngo bigire ikimazi. Kuko umwe aheshwa na Mpwemu ijambo ryo kumenya, uwundi agaheshwa n'uwo Mpwemu ukwizera, uwundi agaheshwa n'uwo Mpwemu umwe ingabire zo gukiza indwara, uwundi agahabwa gukora ibitangaza, uwundi agahabwa kuvugishwa n'Imana, uwundi agahabwa kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabwa gusobanura indimi: ariko ivyo vyose uwo Mpwemu umwe niwe abikorera muri bo, agabira umuntu wese uko agomba. Nk'uko umubiri ari umwe ukagira ingingo nyinshi, kandi ingingo z'umubiri zose naho ari nyinshi ari umubiri umwe, ni ko na Kristo ari.» 1 Ab'i Korinto 12:4-12.IN 47.2

    Igikorwa cahawe abahamagariwe kuba abarongozi mw'ishengero ry'Imana kw'isi kirahambaye cane. Mu gihe Imana ubwayo yiyoborera ishengero, Mose igihe yagerageza kwiremeka imitwaro wenyene, imitwaro iremereye ku buryo yari igiye kumuvuna, yagiriwe inama na Yetiro kugira integuro nziza yo gusabikanya ibikorwa. Yetiro yamubariye ati, «Ube ari wewe mushikirwa w'amajambo y'abantu wo kuyajana ku Mana,» «abe ari wewe ujana imanza zabo ku Mana: kandi abe ari wewe ubigisha amabwirizwa n'ivyagezwe, no kubereka inzira bakwiye gucamwo, n'ibikorwa bakwiye gukora.» Yetiro yarongeye amuhanura ko atoranya mu bantu ngo babe abo «kuganza igihumbi-igihumbi, ijana-ijana, mirongo itanu, abandi cumi-cumi.» Basabwa kuba «abantu bashoboye, bubaha Imana, abanyakuri, banka ukwifuza.» Bategerezwa «gucira imanza abantu ibihe vyose,» ngo baruhure Mose umutwaro wo kwitwararika utuntu duto duto twari gukorwa n'abafasha biwe bafise ubwenge kandi bavyitangiye.IN 48.1

    Umwanya n'inkomezi z'abantu, ku bw'integuro y'Imana, bashizwe mu bibanza vy'uburongozi mw'ishengero, bitegerezwa gukoreshwa mu bintu bikeneye ubwenge budasanzwe, n'umutima wagutse. Si integuro y'Imana ko abo bantu bahamagarwa ku tuntu duto duto abandi bashobora gukora. «Bakuzanire urubanza rugoye,» «ariko urubanza rwoseIN 48.2

    rutagoye, abe ari bo baruca ubwabo. Nuko, ni wabigenza utyo, Imana ikabikwemerera, bizogushobokera, n'abantu bose bazohora bataha i wabo ata mwikomo.» Ku bw'uwo mugambi, «Mose atoranya mu Bisirayeli bose abantu b'abahanga, abagira bakuru muri abo bantu, abaha kuganza abantu, bamwe igihumbi-igihumbi, abandi ijana-ijana, abandi mirongo itanu, abandi cumi-cumi. Nuko bacira abantu imanza ibihe vyose: imanza zigoye bazizanira Mose, ariko izitagoye bakazica ubwabo.» Kuvayo 18:19- 26.IN 48.3

    Inyuma y'aho, igihe Mose yatora abakuru mirongo indwi ngo basabikanye igikorwa c'uburongozi, yaritonze mu gutora abafasha biwe, abagabo biyubashe, bazi gushishoza, kandi b'inararibonye. Mu kubihanikiriza igihe abo bakuru bashirwa i ruhande, yarabagenekereje ibisabwa ku muntu ngo abe umurongozi w'ubwenge mw'ishengero. Mose ababarira ati: «Ni mwumvirize imanza za bene wanyu, mucire urw'ukuri umuntu na mugenzi we, canke umuntu avuganye n'umunyamahanga aba i wawe. Nti muze muce urwa nkunzi, ariko muze mwumvirize aboroshe n'abahambaye, mubanganye : Nti muze mutinye umuntu ku kigohe, kuko imanza ari iz'Imana.» Gusubira mu Vyagezwe 1:16,17. Umwami Dawidi, ikiringo c'ubwami bwiwe kigiye kurangira, yihanikirije abari bajejwe igikorwa c'Imana mu gihe ciwe. Akoraniriza i Yerusalemu «abaganwa bose b'Abisirayeli, abaganwa b'imiryango, n'abagabisha b'ingabo zigenda zikuranwa gusasa i bwami, n'abagaba ibihumbi, n'abagaba amajana, n'abakuru bari bajejwe itunga n'amasho yiwe n'abana biwe, n'abantu b'inkone, n'abahizi, mbere n'abantu bose b'intore,» Uwo mwami ageze mu za bukuru abihanikiriza «imbere y'Abisirayeli bose, ari ryo koraniro ry'Uhoraho, n'Imana yacu iravyumva.» ati «mukwiye kwitondera ivyagezwe vyose vy'Uhoraho Imana yanyu.» 1 Ngoma 28:1,8.IN 49.1

    Salomo, nk'uwahamagariwe igikorwa c'uburongozi, Dawidi yamwihanikirije mu buryo bw'umwihariko: «Nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye, kandi ukimze; kuko Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose, n'ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose. Nuko rero wirinde, kuko ari wewe Uhoraho yatoye:... nuko, kovya, ukore.» 1 Ngoma 28:9,10. Izi ngingo z'ubugororotsi n'ubutungane zarongora abarongozi mu bwoko bw'Imana mu bihe vya Mose na Dawidi, zategerezwa gukurikizwa n'abahawe kurongora iryo shengero ry'Imana ryashinzwe mu gihe c'ubutumwa bwiza. Mu gikorwa co gushira urutonde mu mashengero yose, n'ugushira i ruhande abantu babereye ngo babe abarongozi, intumwa zisunze ingingo z'uburongozi ziboneka mw'Isezerano rya Kera. Bavuga bati umuntu ahamagariwe kuba umurongozi mw'ishengero «akwiye kutabako umugayo, nk'umubwiriza w'Imana nyene; kandi ntakwiye kuba uwudakurwa kw'ijambo, canke umusinzi, canke uwusugurirwa, canke umunywi wa vino, canke umusinzi, canke uwifuza inyungu mbi; ariko abe uwukunda gutanga indaro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda, agumya ijambo ryo kwizerwa rihura n'ukwigisha kwacu, kugira ngo abone guhanura abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhaririza.» Tito 1:7-9.IN 49.2

    Urutonde rwakurikijwe mw'ishengero Rukristo rya mbere, rwabashoboje kuja imbere n'inkomezi, bameze nk'ingabo zatojwe indero nziza, zambaye ibirwanisho vy'Imana. Imirwi y'abizera, n'aho yari isanzaye mu karere kanini, bose bari ingingo z'umubiri umwe; bose bagenda mu bumwe bashize hamwe. Igihe ingorane zavuka mw'ishengero ry'intango, nk'uko vyashitse inyuma muri Antiyokiya n'ahandi hose, abizera ntibashobore kwumvikana, izo ngorane ntibareka ngo zizane ukwicamwo ibice, ahubwo baca babishira mu nama ya bose nk'umubiri w'abizera, igizwe n'abaserukira abandi mu mashengero atandukanye y'intango, irimwo intumwa n'abashingantahe bajejwe kurongora abandi. Gutyo, inkomezi za Satani zo kurwanya ishengero mw'isanzare n'ukwigabura mu bihande bitandukanye, zaneshejwe no kubakoranya, imigambi y'umwansi yo gusanzaza no gusambura iba iratsinzwe.IN 49.3

    «Imana si iy'umuvurungano, ariko ni iy'amahoro, nk'uko bimeze mu mashengero yose y'abera.» 1 Ab'i Korinto 14:33. Itegeka ko mu burongozi bw'ishengero vyose bikorwa mu rutonde ata kajagari, uyu musi nk'uko vyari muri kahise. Yifuza ko igikorwa cayo cokorwa n'ubwitonzi n'ubugororotsi buhanitse kugira ngo igishireko ikidodo ciwe co kucemeza. Umukristo, ategerezwa kuba umwe n'Umukristo, ishengero rikaba rimwe n'irindi shengero, abantu bakaba ibikoresho bikorana n'Imana, buri gikoresho kikisunga Mpwemu Yera, maze vyose bigakorana mu gushikanira isi inkuru nziza z'ubuntu bw'Imana.IN 50.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents