Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 36: Ubuhakanyi I Galatiya

    Iki kigabane Gishimikiye kw’Ikete Ryandikikwe abo i Galatiya

    Igihe yatebera i Korinto, Paulo yatahuye ingorane zihambaye zari mu mashengero amwe amwe yari yaramaze gushinga. Kubera abigishwa b'ibinyoma bari biyadukije mu bizera i Yerusalemu, kwigaba ibice, inyigisho zigoramye, guharanira ibiryohera umubiri, vyariko birakwiragira mu bizera b'i Galatiya. Abo bigisha b'ibinyoma bavanga imigenzo ya Kiyuda n'ukuri kw'ubutumwa bwiza. Birengagije ingingo zafashwe n'inama ya bose yabaye i Yerusalemu, bategeka abanyamahanga gukurikiza amategeko y'ivyagezwe vy'imihango. Ibintu vyari bikomeye. Ibibi vyari vyinjijwe vyagira bisenyure amashengero y'i Galatiya mu buryo bwihuta cane. Paulo yavunitse umutima, maze ababazwa n'ubwo buhakanyi bugaragara bw'abo yari yarigishije neza ingingo ngenderwako z'ubutumwa bwiza. Buno nyene yaciye yandikira abo bizera bageramiwe, abereka inyigisho z'ibinyoma bari bakiriye kandi yihaniza ashimitse abariko barata ukwizera. Amaze kuramutsa Abagalatiya muri aya majambo, «Ubuntu bube muri mwebwe n'amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Yesu Kristo,» yababwiye aya majambo akomeye yo kubihaniza: «Ndatangara yuko muriko murareka vuba mutyo iyabahamagaye ku bwo ubuntu bwa Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n'ubwo, kandi ata bundi buriho; ariko hari abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristo. Ariko naho yoba twebwe canke umumarayika avuye mw'ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n'ubwo twababariye, arakavumwa.» Inyigisho za Paulo zari zihuye n'Ivyanditsw Vyera, kandi Mpwemu Yera yari yashingiye intahe ibikorwa vyiwe; yagabishije rero abo bene Data kutumviriza ikintu na kimwe giteye kubiri n'ivyo yari yarabigishije.IN 199.1

    Iyo ntumwa yasavye abizera b'i Galatiya kwihweza neza ubuzima bwabo bwa mbere, bw'igihe bakira Kristo. Yateye akamo ati, «Bagalatiya b'ibijuju, ninde yabaroze, kandi ari mwebwe mweretswe Yesu Kristo abambwe, mu maso yanyu? Iki conyene ni co ngomba ko mumbwira: mbega Mpwemu mwamuronkeshejwe n'ibikorwa vy'ivyagezwe, canke n'ukwumva gufatanije n'ukwizera? Mbega mwakabaye muri ibijuju mutyo? Mwatanguye mu vya Mpwemu, mbega none musozereye mu vyo umubiri? Mbega ayo yose mwayaboneye ubusa? Namba yari ay'ubusa koko! Iyibaha Mpwemu, igakorera ibitangaza muri mwebwe, mbega ibikoreshwa n'uko mukora ibikorwa vy'ivyagezwe, canke n'uko mwumvise mukizera? Paulo rero yashengeje abizera b'i Galatiya imbere ya Sentare y'umutima-nama wabo, kandi yashaka kubahagarika mu ngendo yabo. Yishimikije ubushobozi bw'Imana bukiza, kandi yanka kwemera izo nyigisho z'abo bigisha b'abahakanyi, iyo ntumwa igerageza gufasha abo bizera gutahura ko bari barahenzwe bikabije, ariko ko ni bagaruka ku kwizera ubutumwa bwiza nka mbere bashobora gutsinda umugambi wa Satani. Yahagaze ashikamye ku ruhande rw'ukuri n'ubugororotsi, kandi ukwizera kwiwe gukomeye n'ukwizigira ubutumwa yari afise, vyafashije kugaruka ku Mukiza abantu benshi bari barataye ukwizera.IN 200.1

    Ehe ingene uburyo Paulo yandikiye amashengero y'i Korinto butandukanye n'uburyo yandikiye Ab'i Galatiya! Aba mbere yabihanije mu bwenge n'ubugwaneza, aba nyuma abihaniza atarya umunwa. Abakorinto bari baneshejwe n'ikigeragezo. Bari bahenzwe n'amayeri y'abigisha, bari babazaniye ibinyoma vyiyorobekesheje ukuri, barazazanirwa, barazimira. Kubigisha gutandukanya ukuri n ikinyoma vyasaba ubwitonzi n'ukwihangana. Gukoresha amajambo akaze canke y'ihutihuti vyari gutuma Paulo atakaza ubushobozi yari afise ku bantu benshi yifuza gufasha. Mu mashengero y'i Galatiya, ikinyoma kigaragara, kitiyorobetse, cariko kirasubirira ubutumwa bwiza. Kristo, inkingi nyakuri y'ukwizera, yasa n'uko bamutaye bamusubiriza imigenzo yataye igihe y'Abayuda. Iyo ntumwa yabonye ko kugira abizera b'i Galatiya bakingirwe ivyo bintu biteye ubwoba vyari bibageramiye, ingingo ruhasha zategerezwa gufatwa, bakagabishwa bimwe bikomeye.IN 200.2

    Icigwa gikomeye umukozi wa Kristo ategerezwa kwiga, ni uko yokora yisunga uko abantu ashaka gufasha bameze. Ubugwaneza, kwihangana, gufata ingingo, n'ugukara birakenewe co kimwe; ariko ibi bisaba gukorwa mu bushishozi bubereye. Gukorana ubwenge n'imigwi y'abantu batandukanye mu vyiyumviro, mu buzima no mu bihe bidasa, ni igikorwa gikeneye ubwenge n'ugutahura bimurikiwe kandi vyejejwe na Mpwemu w'Imana. Mw'ikete ku bizera b'i Galatiya Paulo yasubiyemwo mu ncamake ibintu bihambaye vyamushikiye bijanye n'uguhinduka kwiwe, n'ivyamubayeko mu misi ya mbere y'Ubukristo bwiwe. Muri ubwo buryo yashaka kubereka ko mu kwiyerekana kudasanzwe kw'ubushobozi bw'Imana yashoboye kubona no gutahura ukuri gukomeye kww'ubutumwa bwiza. Mu nyigisho yahawe n'Imana ubwayo, niho Paulo yasunitswe kubigisha no guhanura Abagalatiya ku mugaragaro kandi mu buryo butomeye. Yanditse adatinya canke adakekeranya, ahubwo azi neza ico akora kandi abitahura. Yarerekanye neza itandukaniro riri hagati yo kwigishwa n'umuntu no kwigishwa na Kristo ubwiwe.IN 201.1

    Iyo ntumwa yasavye Abagalatiya guheba izo ndongozi z'ibinyoma zari zabazimije, no gusubira ku kwizera kwari kwaranzwe n'ivyemezo ntahinyuzwa vy'ikidodo c'Imana. Abo bantu bari bagerageje kubakura ku kwizera ubutumwa bwiza bari indyadya, zitejejwe mu mitima kandi zononekaye. Idini ryabo ryari rigizwe n'imihango biyumvira ko bayikoze bazokwemerwa n'Imana. Ntibipfuza ubutumwa bwiza busaba kwumvira rya jambo, «Iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw'Imana.» Yohana 3:3. Babona ko idini rishimikiye ku nyigisho nk'iyi yasaba ukwitanga kurengeje, kandi bihambirira ku makosa yabo, bihenda ubwabo kandi bahenda abandi.IN 201.2

    Gusubiriza ubweranda bw ‘umutima n'umubiri idini ryo hanze biracanezereza abantu batahindutse muri kamere nk'uko vyari mu bihe vy'abo bigisha b'Abayuda. Uyu musi, nk'uko vyari muri ico gihe, hari abarongozi mu vya Mpwemu b'ibinyoma, inyigisho zabo zihurumbirwa na benshi. Ni igikorwa ca Satani kuyovya abantu abakura ku vyizigiro vy'agakiza kava kuri Kristo no kwitondera ivyagezwe vy'Imana. Muri buri runganwe uwo mwansi akomeye ategura ibigeragezo vyiwe afatiye ku vyiyumviro no ku vyifuzo vy'abo arondera kuzimiza. Mu bihe vy'intumwa yateje Abayuda gushira hejuru ivyagezwe vy'imigenzo no kwihakana Kristo; muri iki gihe naho ateza abantu benshi biyita Abakristo bihenda ngo bubaha Imana, guhonyanga ivyagezwe cumi vy'Imana n'ukwigisha ko bishobora guhonyangwa ntihabe igihano. Ni igikorwa c'umusuku w'Imana guhangana yivuye inyuma n'abo bantu bonona ukwizera, no kwerekana badatinya amakosa yabo bishimikije ijambo ry'ukuri.IN 201.3

    Kugira ngo bene Data b'i Galatiya bongere kumwizera, Paulo yabemangiye ko ari intumwa ya Kristo. Yavuze ubwiwe ko ari intumwa, «nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n'Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye.» Ntiyatumwe n'abantu, ahubwo yatumwe n'Umunyecubahiro wo mw'ijuru. Kandi ivyo vyari vyemejwe n'inama nkuru y'i Yerusalemu igihe bemera ibikorwa Paulo yakoreye mu banyamahanga.IN 202.1

    Nti kwari ukwishira hejuru, ahubwo kwari ugushira hejuru ubuntu bw'Imana, kwatumye Paulo yiyerekana gutyo imbere y'abahakana ko ari intumwa, abereka ko «intumwa zihambaye cane ata co zimurusha na gato.» 2 Ab'i Korinto 11:5. Abagerageza gukengera uguhamagarwa kwiwe n'igikorwa ciwe bariko barwanya Kristo yari yagaragaje ubuntu bwiwe n'ububasha bwiwe muri Paulo. Iyo ntumwa vyabaye ngombwa, kubera abansi biwe bamurwanya, gufata ingingo yo kwerekana umwanya n'ububasha bwiwe.IN 202.2

    Paulo yinginze abari baratahuye ubushobozi bw'Imana mu buzima bwabo, gusubira ku rukundo rwabo rwa mbere bakunda ukuri kw'ubutumwa bwiza. Yaberetse mu majambo ntahinyuzwa amahirwe yabo yo kuba abagabo n'abagore bidegemvya muri Kristo, abamwihebeye bose bambikwa ikanzu y'ubugororotsi biciye mu mpongano y'ikimazi c'ubuntu bwiwe. Yerekanye ko umuntu wese azokizwa ategerezwa kumenyera neza ibintu vy'Imana.IN 202.3

    Aya majambo akomeye yo kwinginga y'iyo ntumwa ndyabaye impfagusa. Mpwemu Yera yakoranye ubushobozi, maze benshi mu bari bazimiye bagaruka ku kwizera ubutumwa bwiza kwa mbere. Gutyo rero bahagaze mu mwidegemvyo, kuko Kristo yari yababohoye. Mu buzima bwabo higaragaje ivyamwa vya Mpwemu- «urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa ubugwaneza, ukwirinda.» Izina ryTmana ryarahawe icubahiro, kandi benshi muri ako karere biyongeye ku gitigiri c'abizera.IN 202.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents