Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 34: Igikorwa Co Kwitanga

    Mu buzima no mu nyigisho ziwe, Kristo yatanze akarorero kuzuye k'igikorwa kizira ukwikunda cakomotse ku Mana. Imana ntibayeho ku bwayo. Mu kurema isi, no mu gushigikira ibintu vyose, yama na ntaryo iriko irakorera abandi. «Atuma izuba ryiwe rirasira ababi n'abeza.» Matayo 5:45. Ubu buryo bw'akarorero Data yabushikirije Umwana wayo. Yesu yatanzwe ngo abere abantu bose indongozi, ku karorero kiwe kigisha ico bisobanura gukorera abandi. Ubuzima bwiwe bwose bwisunga ibwirizwa ryo gukorera abandi. Yakoreye bose, afasha bose. Yesu yagerageje kenshi gushinga iri tegeko mu bigishwa biwe. Igihe Yakobo na Yohana basaba ko boba abo imbere, yavuze ati, «Uwugomba kuba mukuru muri mwebwe, aze abe umukozi wanyu; kandi uwugomba kuba uwo imbere aze abe umuja wanyu: nk'uko Umwana w'umuntu atazanywe no gukorerwa, atari gukorera abandi, no gutanga ubugingo bwiwe kw'incungu ya benshi.» Matayo 20:26-28. Kuva aduga mw'ijuru, Kristo yaranguye igikorwa ciwe kw'isi akoresheje ivyariho vyatoranijwe, abo akoresha avugana n'abantu, maze akabafasha mu bukene bwabo. Umurongozi kizigenza w'ishengero ayobora igikorwa ciwe aciye mu bikoresho vy'abantu batoranijwe n'Imana ngo bakore nk'ivyariho vyiwe.IN 186.3

    Igikorwa c'abo Imana yahamagaye gukora mu mvugo no mu nyigisho ngo bubake ishengero ryayo, kiraremereye cane. Mw'izina rya Kristo basabwa kwinginga abagabo n'abagore ngo biyuzuze n'Imana, kandi bashobore gushitsa inshingano yabo babanje kuronka ubwenge n'ubushobozi vyo mw'ijuru.IN 187.1

    Abakozi ba kristo ni abarinzi mu vya Mpwemu b'abantu yabajeje. Igikorwa cabo cagereranijwe n'ico abarinzi. Mu bihe vya kera bahagarara ku mpome z'ibisagara, aho bashobora kubona n'akaryo ko gucungera ibibanza bikomeye bikeneye kurindwa, maze bakagabisha ko umwansi yegereje. Umutekano w'abari mu bisagara wari uhagaze ku bwizigirwa bw'abo barinzi. Ku bihe rimaka basabwa guhamagarana, ngo bamenye ko bose bari maso, kandi ko ata cago cashikiye umwe muri bo. Akamo k'inkuru nziza canke ko kugabisha karahanahanwa muri bo, umwe wese asubiramwo ako kamo gushika gasamiranire mu gisagara cose. Uhoraho abwira umukozi w'ubutumwa bwiza wese ati «Mwana w'umuntu, nagushizeho kubera abo inzu ya Isirayeh inderetsi; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubashikirize imburi. Ninabarira umunyavyaha nti Ewe wa munyavyaha, ntuzobura gupfa; nawe ntugire ico uvuga co kuburira umunyavyaha ngo ave mu ngeso ziwe: uwo munyavyaha azopfira mu bigabitanyo vyiwe, ariko amaraso yiwe ni wewe nzoyaronderako. Yamara ni waburira umunyavyaha ivyo ingeso ziwe, ngo ahindukire azivemwo, nawe ntahidukire ngo azivemwo; azopfira jnu bigabitanyo vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bwawe.» Ezekiyeli 33:7-9.IN 187.2

    Amajambo y'uwavugishwa n'Imana yemanga igikorwa gihambaye c'abatorewe kuba abarinzi b'ishengero ry'Imana, ababikijwe amabanga y'Imana. Basabwa guhagarara nk'inderetsi ku mpome za Siyoni, bagatera akamo umwansi yegereje. Abantu bari mu kaga ko kugwira mu kigeragezo, kandi bazorimbuka kiretse abakozi b'Imana babaye abizigirwa m bikorwa bashinzwe. Ni vyashika ku mvo iyo ari yo yose amaso mu vya Mpwemu agahuma ntibashobore kubona akaga, hanyuma kubera batagabishije abantu bagahona, Imana izobaharurako amaraso y'abahona. Ni amahirwe y'inderetsi zo ku mpome za Siyoni kuba cane hafi yTmana, kandi no gushobora gukorwako na Mpwemu wayo, ngo ashobore kubakoreramwo babwire abagabo n'abagore ko bari mu kaga, maze bakabayobora mu kibanza c'ubuhungiro. Bategerezwa kubaagabisha badaciye i ruhande inkurikizi ntabanduka y'ubugarariji, kandi bakarinda mu bwizigirwa inyungu z'ishengero. Ntibategerezwa gukubita akagohe n'akanya na gato. Igikorwa cabo gikeneye ko baakoresha ingabire y'ubuzima bwabo yose. Bategerezwa Kuduza amajwi yabo nk'inzamba, ntibavugane na rimwe ijwi rihungabana, rikekeranya. Ntibategerezwa gukora ku bwo ingero, ahubwo basabwa kubikora kuko ata kundi bogira kiretse kubikora, kuko batahura ko akaga kari ku mutwe wabo igihe batovuga ubutumwa bwiza. Batowe n'Imana, bashirwako ikidodo c'amaraso yo kwitanga, basabwa gukiza abagabo n'abagore ukurimbuka kwegereje.IN 187.3

    Umuvugabutumwa akorana na Kristo azotahura ubweranda bw'igikorwa ciwe kandi azokora yongere agire ukwitanga gusabwa ngo agiteze imbere. Ntarondera ibimubereye canke ngo yiyorohereze. Ariyibagira. Mu kurondera intama zazimiye, ntabona ko arushe, akanye, canke ashonje. Intumbero yiwe ni imwe gusa-gukiza abazimiye.IN 188.1

    Uwukorera musi y'ihema ry'amaraso ya Imanuweli azosabwa gukora igikorwa gisaba ubutwari mu kwigora n'ukwihangana. Ariko umusoda w'umusaraba ahagarara imbere mu rugamba adasuha. Ubwo umwansi amuzigiriza, ni ko ahindukiriza amaso mw'iboma ngo aronke ubufasha, maze akibutsa Umwami amasezerano y'ijambo ry'Imana, akaronka inkomezi zo kurangura ivyo ajejwe kuri iyo saha. Atahura ko akeneye inkomezi ziva hejuru. Intsinzi atahukana ntizimutuma yishira hejuru, ahubwo bimutera kwisimga cane Nyene ubushobozi. Yishimikije ubwo bushobozi, ashobozwa gutanga ubutumwa bw'agakiza n'inkomezi ziwe zose ku buryo busamiranira mu mitima y'abandi.IN 188.2

    Uwigisha ijambo ry'Imana ategerezwa we ubwiwe kwama buri mwanya yiyumva ko ari mu bumwe n'Imana mu gusenga no mu kwiga ijambo ryayo, kuko aha ariho hari isoko ry'mkomezi. Kugira imigenderanire n'Imana bizoha utwigoro tw'umukozi w'Imana ubushobozi burengeye ijunja ryiwe ryo gusigura. Ntakwiye kwemera kubura ubwo bubasha. Ategerezwa kwinginga Imana ashimitse ngo imukomeze ku bwo igikorwa n'amageragezwa, kandi imukoze ku munwa umuriro muzima. Ivyariho vya Kristo kenshi bifata cane minenerwe ibintu vy'ibihe bidashira. Iyaba abantu bagendana n'Imana, yobashize mu bwigobeko bwa ca Gitandara. Bahishijwe rero batyo, bashobora kubona Imana, nk'uko Mose yayibonye. Kubwo ubushobozi n'umuco itanga bashobora gutahura vyinshi kandi bagakora vyinshi kuruta ivyo ubwenge bwabo bubona ko bidashoboka.IN 188.3

    Ubuhinga bwa Satani butsinda cane abantu bihebuye. Iyo gucika intege bisa n'uko biremereye umukozi w'Imana, nasuke imbere y'Imana ivyo akeneye. Mu gihe ijuru ryasa n'uko riguye kuri Paulo, niho yizigira cane Imana. Yari azi kuruta abantu benshi amarushwa ico ari co; ariko, umviriza akamo kiwe k'intsinzi: «Amarushwa yacu ahwahutse y'akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubwiza buremereye bw'ibihe bidashira, Natwe ntituraba ku biboneka, ariko turaba ku bitaboneka.» 2 Ab'i Korinto 4:17,18. Amaso ya Paulo yama na ntaryo ahanze ibitaboneka n'ivy'ibihe bidashira. Amaze gutahura ko arwana n'ubushobozi burengeye ubwo abantu, yishize mu burinzi bw'Imana, kandi aha niho hari inkomezi ziwe. Mu kwitegereza uwutaboneka niho turonkera inkomezi n'ubushobozi bw'umuntu, kandi ubushobozi bw'isi butegeka ubwenge n'ingeso bugatsindwa.IN 189.1

    Umupasitori ategerezwa kwivanga n'abantu akorera, kugira ngo mu kubamenyera ashobore kumenya ingene yokwigisha inyigisho zikora ku ngorane zabo. Iyo umuvugabutumwa yasiguye, igikorwa ciwe niho kiba kigitangura. Hari igikorwa co gukora kimuraba ubwiwe. Ategerezwa kugendera abantu mu ngo zabo, avugana kandi asengana na bo n'umwete no kwicisha bugufi. Hari imiryango itazokwigera ishikirwa n'ukuri kw'ijambo ry'Imana kiretse ababikijwe ubuntu bwayo binjiye mu mazu yabo kandi bakabereka inzira iruta izindi zose. Ariko imitima y'abakora iki gikorwa itegerezwa gutera nk'uko umutima wa kristo utera. Vyinshi bitahurirwa muri iri tegeko «genda uje mu nzira z'iroro no mu mihora, ubagobere baze, kugira ngo inzu yanje yuzure.» Luka 14:23. Abavugabutumwa nibigishe ukuri mu miryango, biyegereza abo bakorera, maze ubwo bakorana n'Imana, izobambika ubushobozi bwa Mpwemu; kristo azobarongora mu gikorwa cabo, abahe amajambo yo kuvuga azodobera mu mitima y'abayumviriza. Ni amahirwe ya buri muvugabutumwa gushobora kuvuga nka Pulo ati, «Sinacishije i ruhande ndababwira ivyo Imana yagabiye vyose.» «Nta jambo ribereye nacishije i ruhande kubabwira canke kubigishiriza imbere y'abantu, no mu nzu ku yindi, . . . ukwihana mu nyongaz'Imana, n'ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.» Ivyakozwe n'Intumwa 20 :27, 20, 21.IN 189.2

    Umukiza yagiye inzu ku yindi, akiza abarwaye, aremesha abagandaye, ahoza abababaye, ahumuriza abihebuye. Yafata utwana duto mu maboko yiwe kandi akaduhezagira, maze akabwira amajambo y'ivyizigiro n'ihumure abavyeyi babo baremerewe. Mu bugwaneza n'urukundo rudahemuka yahangana n'ivyago vy'uburyo bwose, ndetse n'amarushwa yose y'abana b'abantu. Ntiyakora ku bwo inyungu ziwe, ahubwo yakorera abandi. Yari umusuku wa bose. Kuzanira ivyizigiro n'inkomezi abantu bose yahura nabo, ni vyo vyari indya n'ibinyobwa vyiwe. Kandi ubwo abagabo n'abagore bumviriza ukuri kuva mu kanwa kiwe, gutandukanye cane n'imigenzo n'inyigisho zigishwa n'abanyabwenge b'ivyanditswe, ivyizigiro vyadudubiza biva mu mitima yabo. Mu nyigisho ziwe zarimwo amajambo ahambaye bituma ashikira abantu afise ubushobozi bubemeza. Abakozi b'Imana bategerezwa kwiga ubuhinga Kristo yakoresha, ngo bashobore kuvoma mu bubiko bw'ijambo ryiwe ibizomara ubukene mu vya Mpwemu abo bakorera. Aho honyene niho bazoshobora gushitsa ico basabwa gukora. Impwemu yari muri Kristo igihe yariko aratanga inyigisho yahabwa buri mwanya, itegerezwa kuba isoko y'ubumenyi bwabo n'ibanga ry'ubushobozi bwabo mu gukora igikorwa c'Umwami mw'isi.IN 189.3

    Bamwe mu bakora igikorwa c'ivugabutumwa ntibashoboye kuronka intsinzi kubera batitanze batiziganya ku bwo igikorwa c'Uhoraho. Abavugabutumwa ntibotwarwa n'inyungu zitari izo igikorwa gihambaye co kurongora imitima ku Mukiza. Abarovyi Kristo yahamagaye, baciye buno nyene baheba insenga zabo, maze baramukurikira. Abavugabutumwa ntibashobora gukora igikorwa cemerwa n'Imana kandi bikoreye umutwaro w'ibikorwa vy'inyungu zabo. Ubu buryo bwo kwigabura mu kurondera inyungu buhuma amaso y'impwemu. Ubwenge n'umutima vyitwararika ivy'isi, maze igikorwa ca Kristo kigafata umwanya wa kabiri. Barondera gukora igikorwa c'Imana igihe bishoboka aho kurondera uburyo bwose bushoboka ngo bakore ivyo Imana ibasaba.IN 190.1

    Inkomezi z'umuvugabutumwa zikenewe zose gukoreshwa ku bwo umuhamagaro wiwe w'agahebuza. Ubushobozi bwabo bukomeye ni ubwo Imana. Ntakwiye kwinjira mu vyo kurondera inyungu canke igikorwa ico ari co cose comubuza gukora igikorwa ciwe gihambaye. Paulo avuga ati «Nta musoda yikwegera mu vy'ubu bugingo, ngo aze ahimbare uwamwandikiye ubusoda.» 2 Timoteyo 2:4. Iyo ntumwa yashimangiye yerekana ko umuvugabutumwa akeneye kwihebera burundu igikorwa ca Shebuja. Umuvugabutumwa yihebeye Imana burundu yanka kwisuka mu bikorwa vyomubuza kwitangira ijana kw'ijana umuhamagaro wiwe wera. Ntarwanira icubahiro n'ubutunzi vy'isi; intumbero yiwe yo nyene n^iyo kubwira abandi ivyo Umukiza, We yitanze ngo azanire abantu ubutunzi bw'ubugingo budashira. Icipfuzo ciwe nyamukuru si ico kwirundaniriza ubutunzi muri iyi si ahubwo ni ukwereka ba sindabibazwa n'abagabitanya ivyo ubugingo budashira. Ashobora gusabwa kwinjira mu bikorwa bimuzanira inyungu nyinshi kw'isi, ariko kuri ico kigeragezo yishura ati «Kandi umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw'isi vyose, ni yakwa ubugingo bwiwe kw'incungu? Mariko 8:36.IN 190.2

    Satani yagerageresheje Kristo ibintu, bisa nk'ivyo, azi neza ko niyavyemera isi itazocungurwa. Mu buryo bwinshi bwihishije, azanira abakozi b'Imana b'uyu musi ico kigeragezo nyene, azi neza ko abakwegwa na co bazoteshwa kurangura ibanga bajejwe. Si ubugombe bw’ Imana ko abavugabutumwa barondera kuba abatunzi. Kuri ivyo Paulo yandikiye Timoteyo ati «gukunda amahera ni imizi y'ibibi vyose: ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi. Ariko weho, muntu w'Imana, wame uhunga ivyo, ariko ukurikire ukugororoka, n'ukwubaha Imana, n'ukwizera, n'urukundo, n'ukwihangana, n'ubugwaneza.» Mu karorero no mu nyigisho, icariho ca Kristo gitegerezwa «kwihaniza abatunzi bo mu vyo iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butari ubwo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisesekaye, ngo tubinezerererwe; kandi bakore iciza, babe abanyabuntu bakunda gutanga, bibikire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri.» 1 Timoteyo 6:10,11,17-19.IN 191.1

    Ivyashikiye intumwa Paulo n'inyigisho ziwe zijanye n'ubweranda bw'igikorwa c'umuvugabutumwa, ni isoko y'ubufasha n'ubumenyi kuri abo binjiye mu gikorwa c'ubutumwa bwiza. Umutima wa Paulo wararurumba ku bwo urukundo afitiye abanyavyaha, kandi yashize inkomezi ziwe zose mu gikorwa co kuzana imitima. Ntihigeze kubaho umukozi yiyanka, w'inshigwarimenetse aruta Paulo. Imigisha yaronka yayiharura nk'amahirwe menshi aronse yo guhezagira abandi. Ntiyatakaza akaryo ko kuvuga Umukiza canke gufasha abari mu kababaro. Yava mu kibanza aja mu kindi yigisha ubutumwa bwiza bwa Kristo kandi ashinga amashengero. Aho hose yashobora kuronka abamwumviriza yagerageza kurwanya ikibi, n'ukugarukana ibirenge vy'abagabo n'abagore mu nzira y'ubugororotsi.IN 191.2

    Paulo ntiyibagira amashengero yashinze. Amaze kurangiza urugendo rwo kuvuga ubutumwa, we na Barunaba basubira inyuma bakagendera amashengero bari barashinze, bagatoranya abantu bashobora kumenyereza ngo bafatanye nabo mu kwamamaza ubutumwa bwiza. Ibi biranga igikorwa ca Paulo birimwo icigwa gihambaye ku bavugabutumwa ba none. Iyo ntumwa yagize kimwe mu bikorwa vyiwe kwigisha abasore igikorwa co kuvuga ubutumwa. Yarajana na bo mu ngendo ziwe zo gutwara ubutumwa bwiza, gutyo rero bakaronka ubumenyi buzobafasha mu nyuma gukora ibikorwa bihambaye. Igihe batandukana, yakomeza kwitwararika igikorwa ca bo, kandi amakete yandikiye Timoteyo na Tito ni icemezo c'ingene yifuza cane ukuroranirwa kwabo.IN 191.3

    Uyu musi abakozi bamenyereye igikorwa, bakora ibikora inka iyo, mu kiringo co kwiremeka imitwaro yose bonyene, bigisha abakozi bakiri bato kandi bagashira imitwaro ku bitugu vyabo. Paulo ntiyigeze yibagira igikorwa kimwega nk'umukozi wa Kristo, canke ko ni hagira abantu bazohona kubera atabaye umwizigirwa Imana izobimubaza. Ku bwo ubutumwa bwiza yemanze ati, «Iryo nacikiye umukozi, nk'uko nahawe n'Imana ububwiriza bwo kugaburira mwebwe, kugira ngo nkwize ijambo ry'Imana rishitse, ni ryo banga ryari ryarahishijwe uhereye kera hose n'ibihe vyose, ariko noneho ryahishuriwe abera bayo, abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry'ubwiza bw'iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza. Natwe ni we twamamaza, duhanura umuntu wese twigisha umuntu wese ubwenge bwose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahinguwe muri Kristo Yesu: ico ni co kinduhisha, ndabirwanira nk'uko ubushobozi bwiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.» Ab'i Kolosayi 1:25-29.IN 192.1

    Aya majambo ashira imbere y'umukozi wa kristo urugero rwo hejuru ategerezwa gushikako, ariko kandi uru rugero bose bashobora kurushikako, abemera gutegekwa n'Umwigisha Mukuru, bakiga buri musi mw'ishure rya Kristo. Ubushobozi bw'Imana ntibugira imbibe, kandi umukozi w'Imana abukeneye cane ashobora kwiyugarana akihererana n'Umwami, azomenya adakekeranya ko azoronka ibizobera abamwumviriza akanovera k'ubuzima gatanga ubuzima. Inzandiko za Paulo zerekana ko umukozi w'ubutumwa bwiza ategerezwa kuba akarorero k'ukuri yigisha, «ntabe igitsitaza mu kintu na kimwe, ngo ubutumwa bwiza ntibutukwe.» Yadusigiye ishusho y'igikorwa ciwe bwite mw'ikete yiwe yandikiye Abakristo b'i Korinto: «Ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago, mu bimoko, mu mabohero, mu migumuko, mu kwirirwa ubusa, mu kugira umutima utanduye, mu kugira ubwenge, mu kutarambirwa, mu kuba inda nziza, muri Mpwemu Yera, mu rukundo rutagira uruheyiheyi, mw'ijambo ry'ukuri, mu bushobozi bw'Imana, dufise ibirwanishwa vy'ukugororoka vyo mu kuryo n'ivyo mu kubamfu, mu cubahiro no mu gakengerwe, mu mugayo no mw'ishimwe; twiyumvirwa nk'abanyabinyoma ariko turi abanyakuri; twiyumvirwa nk'abatamenyekana, ariko turi rurangiranwa; tuboneka nk'abagira bapfe, ariko raba, turi bazima, tuboneka nk'abahamwa, ariko ntitwicwa; tuboneka nk'abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk'aboro, ariko dutungisha benshi.» 2 Ab'i Korinto 6: 3, 4-10. Yandikiye Tito ati: «N'imisore n'uko ubahanure ntibahugumbe. Nawe ubwawe wiyerekane muri vyose nk'icitegererezo c'ibikorwa vyiza: ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo, ugire n’ ijambo rizima ritogawa, kugira ngo umuntu ari mu ruhande rw'abansi amaramare, abuze ikibi yokuvugako.» Tito 2:6-8.IN 192.2

    Nta kintu kirusha agaciro mu maso y'Imana abakozi bayo, baja mu turere tugayitse two mw'isi kubiba imbuto z'ukuri, biteze umwimbu. Nta wundi kiretse Kristo ashobora gutahura urugero rw'imyitwarariko y'abasuku bayo barondera abazimiye. Abaha Mpwemu wiwe, kandi kubwo utwigoro twabo, imitima irongorwa kuva mu caha ikaza mu bugororotsi. Imana ihamagara abantu bemera guheba amatongo yabo, ngo bambuke baje kuyivugira, kandi uyu muhamagaro uzokwitabwa. Muri kahise hari abantu basunitswe n'urukundo rwa Kristo n'ubukene bw'abazimiye baheba ivyiza vy'imiryango n'abagenzi babo, mbere baheba umugore n'abana, baja mu bihugu vyo mu mahanga, hagati y'abasenga ibigirwamana n'abantu b'inyeshamba, bamamaza ubutumwa bw'imbabazi. Bamwe mu twigoro twabo batakaje ubuzima, ariko abandi babandanya igikorwa. Gutyo, intambwe ku yindi, igikorwa ca Kristo carateye imbere, kandi imbuto zabibwe mu kababaro zazanye umwimbu mwinshi. Kumenya Imana kwariyongeye kandi ibendera ry'umusaraba ryashinzwe mu bihugu vy'abapagani.IN 193.1

    Ku bwo guhinduka kw'umunyavyaha umwe, umuvugabutumwa ategerezwa gukoresha uburyo bwiwe uko ashoboye. Umuntu Imana yaremye kandi Kristo akamucungura, afise agaciro kanini cane ku bwo ubushobozi buri imbere yiwe ashobora kuronka igihe akomejwe n'ijambo ry'Imana, n'ukudapfa ashobora kuronka biciye mu kwizigira kwerekanwa mu butumwa bwiza. Kandi namba Kristo yahevye za ntama mirongo icenda n'icenda ngo arondere imwe yazimiye, hari ico twokwireguza dukoze ibiri musi y'ivyo? Si urwangara kudakora nk'uko Kristo yakoze, kutitanga nk'uko yitanze, si ukugurisha ivyera twabikijwe, si igitutsi ku Mana? Umutima w'umukozi w'Imana wuzura igishika co kurondera gukiza imitima. Umwanya n'inkomezi biratangwa, utwigoro turuhije ntituzigamwa; kuko abandi bategerezwa kwumva ukuri kwazaniye umutima wiwe umunezero n'amahoro, n'akanyamuneza. Umutima wa Kristo uri muri we. Yitwararika imitima nk'uwuzoyibazwa. Amaso yiwe ahanze umusaraba w'i kaluvari, yitegereza Umukiza yabambwe, yisunga ubuntu bwiwe, yizera ko azobana na we kw'iherezo, agakorera Imana amufise nk'inkinzo yiwe, inkomezi ziwe n'ubushobozi bwiwe. Arondera kuzanira Yesu imitima, ahamagara yinginga kandi yizeye urukundo rw'Imana, kandi mw'ijuru aharurwa muri ba bandi bitwa «abahamagawe, kandi batoranijwe, kandi bayobotse.» Ivyahishuriwe Yohana 17:14.IN 193.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents