Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 41: Habuze Gato Ngo Umpxndure

    Iki Kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe 25:13-27; 26.

    Paulo yari yitwaye kuri Kayisari, kandi Fesito nta kindi yari gukora kiretse kumurungika i Roma. Ariko igihe carashize hataraboneka ubwato bwiza; kandi, kubera abandi banyororo bategerezwa kurungikanwa na Paulo, ibi navyo vyatumye urugendo rwigizwayo. Ibi vyahaye Paulo akaryo ko gutanga imvo z'ukwizera kwiwe imbere y'abanyacubahiro b'i Kayisariya, n'imbere y'Umwami Agiripa II, uwa nyuma mu Baherode. «Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito. Bamazeyo imisi myinshi, Fesito ashira imbere y'umwami ivya Paulo, ati, Hari umuntu Feliki yasize ari imbohe: aho nari i Yerusalemu abaherezi bakuru n'abakuru b'Abayuda bambariye ivyiwe, basaba ko ndamucira urubanza.» Aherako avuga ivyatumye iyo mbohe isaba kwitwara kuri Kayisari, avuga ivyo urubanza rwa Paulo imbere yiwe, maze avuga ko Abayuda batari bareze Paulo ibirego nk'uko bari bavyifuje, kiretse «ibihari bimwe bimwe . . . vyo mw'idini yabo, n'ivyo umuntu yitwa Yesu, yapfuye, uwo Paulo yavuga ashimitse ko ari muzima.»IN 225.3

    Ubwo Fesito yashikiriza iyo nkuru, Agiripa biramuryohera, maze avuga, ati «Nanje nagomba kwumva uwo muntu.» Nk'uko yavyifuje, bategura ikoraniro bukeye bw'aho. «Bukeye bw'aho, Agiripa na Berenike bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw'ikombe n'abakuru b'intwazangabo z'abasoda n'abahambaye bo muri ico gisagara; maze Fesito avuga ko bazana Paulo.» Ku bwo icubahiro c'abashitsi biwe, Fesito yashaka ko uwo musi uba umusi w'akaroruhore. Amakanzu y'igiciro y'ico cegera ca Kayisari n'abatumire biwe, inkota z'abasoda, n'ugukayangana kw'ibirwanisho vy'intwazangabo ziwe, vyongereje ugukayangana kw'uwo musi. Nuko Paulo, akiboshe amaboko, ahagarara imbere y'ikoraniro. Mbega itandukaniro ryari aho! Agiripa na Berenike bafise ubushobozi n'igiti, kandi ku bwo ivyo bubahwa n'isi. Ariko ntibari bafise ibiranga ingeso Imana ishima. Bahonyanga ivyagezwe vyayo, barononekaye mu mutima no mu buzima. Inyifato yabo yasesema ijuru. Iyo mbohe y'umutama, ibohewe ku basoda bamurinze, nta na kimwe yari ifise cotuma isi imuha icubahiro. Ariko uwo muntu, asa n'uko atagira abagenzi canke ubutunzi canke igiti, kandi aboshwe ku bwo kwizera Umwana w'Imana, ijuru ryose ryari rimwitayeho. Abamarayika ni bo bamuzigama. Iyo ubwiza bw'umwe muri izo ntumwa zikayangana aseruka, ubwiza n'ubwibone bw'ubwami vyari guca bikabirana; umwami n'abateramyi bari kwikubita hasi, nka ba barinzi b'Abaroma ku mva ya Kristo.IN 226.1

    Fesito ubwiwe ni we yashikirije Paulo imbere y'iryo koraniro avuga, ati: «Mwami Agiripa, namwe mwese abo turi kumwe hano, murabona uyu, uwo ishengero ry'Abayuda bose bansabira i Yerusalemu bo n'ino, basemerera ngo ntakwiye kubaho. Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kandi ubwiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, mpitamwo kumumurungikira. None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane-cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo nitwamara kumusiguza, mbone ico kwandika. Kuko ngira ngo ni ico ubwenge buke kurungika imbohe, sinerekane ibirego vyayo.»Umwami Agiripa rero yemerera Paulo kwiregura. Iyo ntumwa ntiyakanzwe n'ibitako canke ivyubahiro vy'iryo koraniro; kuko yari azi ko ubutunzi bw'isi n'ivyubahiro bifise agaciro gato. Ibikayangana n'ubushobozi ntivyashobora na gato gutera ubwoba ubushizi bw'amanga bwiwe canke ngo bimuteshe umutwe. Avuga, ati «Numva nezerewe ko ari wewe ngira niregeko ibi bintu vyose uyu musi: kandi cane-cane ko uzi imigenzo n'impari vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.»IN 226.2

    Paulo aherako abiganira ingene yahindutse yari intagondwa itemera Yesu Umunyanazareti nk'Umucunguzi w'abari mw'isi. Yabiganiye ingene kubonekerwa kuvuye mw'ijuru kwamuteye ubwoba bw'agahomerabunwa, ariko mu nyuma bukamubera isoko y'uguhozwa kunini-ihishurirwa ry'ubwiza bw'Imana, bwarimwo uwicaye ku ntebe y'ubwami, umwe yahoze akengera kandi yanka, akarondera no kuzimanganya abigishwa biwe. Uhereye ico gihe Paulo yari yabaye umuntu mwiza, umwizera akomeye kandi atagira ubudyadya wa Yesu, yagizwe atyo n'ubuntu buhingura. Paulo yerekanye neza imbere ya Agiripa n'ubushobozi ibintu bihambaye vyaranze ubuzima bwa Kristo kw'isi. Yashinze intahe ko Mesiya yavuzwe n'abavugishwa n'Imana yamaze kuboneka muri Yesu Umunyanazareti. Yerekanye ingene Ivyanditswe vyo mw'isezerano rya kera vyari vyemanze ko Mesiya azoza nk'umuntu asa n'abantu, n'ingene mu buzima bwa Yesu hasohoye ido n'ido ivyo Mose n'abavugishwa n'Imana banditse. Kugira ngo acungure ab'isi bazimiye, uwo Mwana w'Imana yategerezwa kubabarizwa ku musaraba, agashinyagurirwa, kandi ko yari yaduze mw'ijuru yatsinze urupfu na kuzimu.IN 227.1

    Kubera iki, nk'uko Paulo yavuze, vyasa n'uko bigoye kwemera ko Yesu yozuka mu bapfuye? Ni ukubera ko kera vyasa kuri we nk'uko bidashoboka, ariko noneho yari gushobora guhakana ate ivyo we nawe yiboneye kandi yumvise? Kw'irembo ry'i Damasiko yari yitegereje neza Kristo yabambwe kandi akazuka, wa wundi yagendagenda mu mayira y'i Yerusalemu, yapfuye i Kaluvari, yatsinze urupfu, kandi akaduga mw'ijuru. Nk'uko koko Kefa, Yakobo, Yohana, canke abandi bigishwa bari bamubonye, nawe nyene yari yamubonye kandi avugana na We. Iryo jwi ryari ryamutegetse kwamamaza ubutumwa bwiza bw'Umukiza yazutse, none yashobora ate kugambarara? I Damasiko, i Yerusalemu, i Yudaya hose, no mu turere twa kure, yari yashingiye intahe Yesu Uwabambwe, yereka abantu b'ubwoko bwose «ko bahamagarirwa kwihana bagahindukirira Imana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n'ukwihana.IN 227.2

    Iyo ntumwa ivuga iti «Ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero, bakageza kunyica. None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n'ubu, nshingira intahe aboroshe n'abahambaye, nta kindi mvuga atari ivyo abavugishwa n'Imana na Mose bavuzeko bizoba: yuko Kristo atazobura kubabazwa, ko ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubwira ubwoko bwacu n'abanyamahanga ubutumwa bw'umuco.»Abakoranye bose bari bumvirije ivyabaye kuri Paulo atawukoma akagohe. Iyo ntumwa yari yibanze ku kintu ikunda kuruta vyose. Nta n'umwe yamwumvirije yashobora gukekeranya ko atari ukuri. Ariko ubwo yari akibandanya, amajambo yiwe y'ubuhinga yemeza, yahagaritswe na Fesito yasemereye ati, «Erega Paulo urasaze; ubwenge bwawe bwunshi buragusarishije.» Iyo ntumwa isubiza iti, «Sinsaze, Fesito umwubahwa, ariko mvuga amajambo y'ukuri kandi aroranye. Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yuko ata na kimwe muri ivyo ahishijwe, kuko ivyo bitakorewe mu mfuruka.» Nuko ahindukirira Agiripa, amubaza imbonankubone, ati «Mwami Agiripa, uremeye ivyo abavugishwa n'Imana? Ndazi yuko uvyemeye.»IN 227.3

    Agiripa umutama uramwanka, yibagira abanyacubahiro bamukikuje, n'igihagararo ciwe. Abona gusa ukuri yari yumvise, abona gusa imbohe yicishije bugufi ihagaze imbere yiwe nk'icariho c'Imana, ijambo riramwiyaka, ati «Habuze gato gusa ngo umpindure Umukristo» Iyo ntumwa yishura yemanga iti, «Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yuko atoba wewe wenyene, ariko n'abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje,» yongerako yerekana imvuto ku maboko ati «ukuyemwo iyi minyororo.»IN 228.1

    Fesito, Agiripa na Berenike mu vy'ukuri bari bakwiye kwambikwa izo mvuto zaboshe iyo ntumwa. Abo bose bari bakoze ivyaha vy'agahomerabunwa. Abo banyakibi bari bahawe uwo musi agakiza mw'izina rya Kristo. Umwe, n'imiburiburi yahatswe kwakira ubuntu n'ikigongwe. Ariko Agiripa yateye umugongo ico kigongwe ahawe, yanka kwakira umusaraba w'Umucunguzi yabambwe. Umwami yari yazanywe no gusoma urusaku yari yaronse ico yarondera, maze ahaguruka mu ntebe, yerekana ko umubonano uheze. Ubwo abo bantu bari bakoranye bataha, bagiye bongorerana bavuga bati, «Ntaco uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.» Naho Agiripa yari Umuyuda, ntiyashigikiye amacakubiri y'idini n'ivyiyumviro bidafashe vy'Abafarisayo. Abwira Fesito, ati «Uyu muntu aba arekuwe, iyo ataba yari agomvye kuzokwitwara kuri Kayisari.» Ariko noneho urubanza rwari rwungururijwe kuri sentare yo hejuru, kandi ivyo vyari birengeye urwego rwa Fesito canke Agiripa.IN 228.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents