Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 45: Ivyandikiwe I Roma

    Iki Kigabane Gishitnikiye kn Makete Yandikiive Ab'i Kolosayi n'ab'i Filipi

    Intumwa Paulo mu vyamushikiye kare mu Bukristo bwiwe yaronse akaryo ko kwiga ubugombe bw'Imana ku bigishwa ba Kristo. «Yaduganywe mw'ijuru rya gatatu,» «muri paradiso, akumva ibitovugwa, ivyo umuntu atemererwa kuvuga.» Wenyene yemeza ko vyinshi mu «kwerekwa no guhishurirwa vyiwe» yari yabihawe «n'Umwami.» Gutahura inyigisho z'ukuri kw'ubutumwa bwiza kwangana «n'ukwa za ntumwa zihambaye cane.» 2 Ab'i Korintol2:2, 4, 1, 11. Yaratahura neza «uburebure bw'ubwaguke n'ubwo amakika, n'ubwo igihagararo n'ubwo amajepfo» «bw'urukundo rwa Kristo, ruruta uko rwomenywa.» Abanyefeso 3:18,19.IN 244.2

    Paulo ntiyashobora kuvuga ivyo yerestwe vyose; kuko mu bamwumviriza harimwo abari guhava bakoresha amajambo yiwe ukutari ko. Ariko ivyo yahishuriwe vyamushoboje gukora nk'umurongozi n'umwigisha w'ubwenge, kandi vyamufashije kwandika ubutumwa yarungikiye amashengero mu myaka ya nyuma.Ivyo yabonye mw'iyerekwa na ntaryo vyamugumyemwo, bimufasha gutanga ishusho itomoye ya kamere Rukristo. Mu majambo no mu nyandiko, yatanze ubutumwa bwazaniye ishengero ry'Imana ubufasha n'inkomezi. Ubu butumwa bwiza abizera b'iki gihe akaga kageramiye ishengero, n'inyigisho z'ibinyoma bazohura nazo.IN 244.3

    Icifuzo c'iyo ntumwa kuri abo yandikiye amakete yiwe yo guhanura no kwihaniza cari ukugira ngo «dushire ubwana, ntituzungazungishwe n'imipfunda, ngo tujanywe irya n'ino n'imiyaga yose y'inyigisho;» ariko bashike «ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n'ukumenya Umwana w'Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugero bw'ubwinshi bw'ukunengesera kwa Kristo.» Yinginze abigishwa ba Kristo bo mu bapagani kutagenda nk'uko «abandi banyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bwenge bwabo, ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n'ubugingo buva ku Mana . . . ku bwo ukutamenya kuri muri bo n'ugukomantara kw'imitima yabo,» ariko «mugende nk'abanyabwenge, mwoye kugenda nk'imburabwenge, mugura uburyo mubugwiza.» Abanyefeso 4 :14, 13, 17, 18; 5 :15, 16. Yahimirije abizera guhanga amaso ku gihe Kristo azogarukira, we «Yakunze ishengero, kandi akaryigura,» ngo «aryishire, ari ishengero rifise ubwiza, ridafise amarabaga canke injebejebe canke ikintu cose gisa gityo-ishengero «ryera, ridafise agasembwa.» Abanyefeso 5: 25,27.IN 244.4

    Ubu butumwa, bwanditswe n'ubushobozi atari ubwo umuntu ahubwo bwanditswe n'ubushobozi bw'Imana, bwuzuye inyigisho zari zikwiye kwigwa na bose kandi zikwiye gusubirwamwo kenshi. Muri zo herekanwa inyifato yo kwubaha Imana, harimwo inyigisho zotegerejwe gukurikizwa muri buri shengero, n'inzira ishikana ku bugingo budashira iragaragara. Mw'ikete ku «bera n'abizigirwa, muri i Kolosayi,» yanditse ari imbohe i Roma, Paulo arerekana akanyamuneza kiwe ku bwo ugushikama kwabo mu kwizera, inkuru yari yazaniwe na Epafura, uwo, nk'uko iyo ntumwa yanditse «yatumenyesheje urukundo rwanyu muhabwa na Mpwemu. Ni co gituma,» arabandanya avuga, «natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivyo igomba n'ubwenge bwose no kumenya ivyo impwemu, kugira ngo mugende nk'uko bibereye abo Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana, mushobozwa n'ubushobozi bwose, nk'uko inkomezi z'ubwiza bwayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.»IN 245.1

    Gutyo Paulo yashize mu majambo ivyo yifuriza abizera b'i Kolosayi. Raba ingene aya majambo ahanura abigishwa ba Kristo gushika ku rugero rwo hejuru! Yerekana ibintu bitangaje bishoboka mu buzima Rukristo kandi akerekana ku neza ko imihezagiro abana b'Imana bashobora kuronka itagira imbibe. Bakuze buri mwanya mu kumenya Imana, bashobora kugenda biyubura mu nkomezi, bava ku burebure baja ku bundi mu buzima Rukristo, gushika aho ku bwo «ubushobozi bwiwe butangaje» bashobozwa «kuragariwa n'abera iragi ryo mu muco.»Iyo ntumwa yashize hejuru Kristo imbere ya bene Se nk'Uwo Imana yakoresheje mu kurema ibintu vyose kandi ni na We yakoresheje mu kubarokora. Avuga ko ikiganza gifatiriye amasi mu kirere, kikagumya urutonde n'ibikorwa bidahumeka vy'ibintu vyose biri mw'isi Imana yaremye, ni ca kiganza cabambwa ku musaraba ku bwabo. Paulo yanditse ati, «Vyose vyaremwe na We, ivyo mw'ijuru n'ivyo mw'isi, ibiboneka n'ibitaboneka, uri intebe z'icubahiro, uri ubwami, uri ubukuru, uri ububasha: vyose vyaremwe na We, biremerwa kuba ivyiwe: We yabayeho vyose bitarabaho, kandi kuri We ni ho vyose bifataniye.» «Namwe abari baratandukanijwe n'Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n'ivyo mwakoze bibi, none yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w'umuntu ku bwo urupfu yapfuye, ngo abashikane imbere yayo muri abera, mudafise agasembwa, mutagira ico mugawa.IN 245.2

    Umwana w'Imana yaricishije bugufi ngo ashire hejuru umuntu yaguye. Ku bwo ivyo yasize amahanga atacumuye yo hejuru, ba bandi mirongo icenda n'icenda bamukunda, maze aza kuri iyi si «yacumitiwe ivyacu bicumuro» kandi «yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo.» Vesaya 53:5. Muri vyose yagizwe nka bene Se. Yahindutse umubiri, nk'uko natwe turi. Yaramenye ico ari co inzara n'inyota n'uburuhe. Yaramirwa n'imfungurwa kandi akaruhurwa n'itiro. Yari kavantara n'ingenzi kw'isi- mw'isi, ariko atari uw'isi; yageragejwe nk'uko abagabo n'abagore b'iki gihe bageragezwa, ariko yabayeho ubuzima butagira icaha. Umugwaneza, w'impuhwe, umunyembabazi, yama yitayeho abandi, yagaragaje kamere y'Imana. «Uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, . . . yuzuye ubuntu n'ukuri.» Yohana 1:14. Abakolosayi bari bazungurutswe n'ibikorwa n'imibereho ya gipagani, bari mu kaga ko kuja kure y'uguca bugufi kw'ubutumwa bwiza, kandi Paulo, mu kubagabisha kuri ivyo, abereka ko Kristo ari we gusa buhungiro. Yanditse ati, «Nagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n'ab'i Lawodikiya n'abatarankubita ijisho bose uko bangana, kugira ngo imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabwe itunga ryose ry'ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry'Imana, ni ryo Kristo, muri We ni ho itunga ryose ry'ubwenge n'ukumenya ryahishijwe.IN 246.1

    «Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire uwubahendagirisha amajambo y'inyosha.... Nk'uko mwakiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri We: mushinze imizi muri We, mwubaka muri We, mushikamijwe n'ukwizera rvk'uko mwigishijwe, murushiriza gushima.Mwirinde, ntihakagire uwubagira inyagano, abanyagishije ubwenge bw'abantu ari ibihendo vy'ubusa, bikurikira akaronda k'imigenzo y'abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw'isi, bidakurikira Kristo. Kuko muri We ari ho haba ukunengesera kwose kw'Ubumana mu buryo bw'umubiri. Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni We mutwe w'ubukuru bwose n'ububasha bwose.»IN 246.2

    Kristo yari yarabuye ko ababeshi bazokwiyadukiza, «muri bo ubugarariji buzogwira» kandi «urukundo rwa benshi ruzokonja.» Matayo 24:12. Yari yaragabishije abigishwa ko ishengero rizogeramirwa cane n'ako kabi kuruta agahamo k'abansi baryo. Paulo yarabagabishije yisubiriza ku bwo abo bigisha b'ibinyoma. Ako kaga bategerzwa kukirinda kuruta ibindi vyose; kuko mu kwakira abigishwa b'ibinyoma boba bugururiye amakosa umwansi yokoresha mu kuyovya ubwenge bwo gutahura ivy'impwemu kandi agahungabanya ukwizera kw'abasha bakiriye ubutumwa bwiza. Kristo ni We gipimo co gusuzuma izo nyigisho. Ibintu vyose bidahuje n'inyigisho ziwe bategerezwa kubitera umugongo. Kristo yabambwe ku bwo icaha, Kristo yazutse mu bapfuye, Kristo yaduze mw'ijuru-ubu ni bwo bwari ubumenyi bw'agakiza bategerezwa kwiga no kwigisha.IN 246.3

    Izi mpanuro z'ijambo ry'Imana kuri aka kaga kazogeramira ishengero rya Kristo ni izacu uyu musi. Nk'uko vyabaye mu gihe c'intumwa, abantu bakoresheje imigenzo n'ubwenge bw'isi mu kugerageza gusenyura ukwizera kwo mu Vyanditswe Vyera, ni ko n'ubu, akoresheje ivyiyumviro biryohera ugutwi bihinyura Ivyanditswe, n'inyigisho zivuga ko umuntu ataremwe ahubwo yavuye mw'ihindagurika, kwizera imizimu mu gukoresha ubwenge bw'isi mw'iyobokamana, kwizera ko Imana iri mu kintu cose, umwansi w'ubugororotsi arondera kuyobora abantu mu nzira zabuzanijwe. Ku bantu benshi Bibiliya ni itara ritagira amavuta, kubera bahindukirije ivyiyumviro vyabo mu miringoti y'ukwizera kutagira ifatiro itera gutahura ukutari ko n’ urudubi. Igikorwa co guhinyura Ivyanditswe Vyera, mu gucagagura amajambo, mu kwiyumvira ibitari mu nyandiko, kugerageza gushira hamwe ya majambo yacagaguwe ukayaha ubusobanuro, ni igikorwa kiriko kirasenyura ukwizera kwa Bibiliya nk'ijambo ryahishuwe n'Imana. Kiriko kiraka ijambo ry'Imana bushobozi bwo kugenzura, gushira hejuru no guhingura ubuzima bw'abantu. Muri uko kwizera imizimu, abantu benshi bigishwa kwizera ko icifuzo c'umuntu kiri hejuru y'itegeko, ugukora ivyo umuntu yishakiye ari wo mwidegemvyo, kandi ko ico umuntu akoze adakwiye kukibazwa.IN 247.1

    Umwigishwa wa Kristo azohura «n'amajambo y'inyosha» iyo ntumwa yagabishije abizera b'i Kolosayi. Azohura n'insiguro za Bibiliya zishimikiye ku nyigisho zizera ko abantu bavugana n'imizimu y'abapfuye, ariko ntategerezwa kuvyemera. Ijwi ryiwe ritegerezwa kwumvikana ryemeza neza ukuri kudashira kwa Bibiliya. Agumiza amaso kuri Kristo, ategerezwa kuja imbere mu nzira yaharuwe, atera umugongo ivyiyumviro vyose bidahuye n'inyigisho yiwe. Ukuri kw'Imana ni co kintu akwiye kwiyumvira no kwiga. Asabwa kuraba Bibihya nk'ijwi rivugana na we rivuye ku Mana. Gutyo rero azoronka ubwenge bukomoka ku Mana. Ubumenyi bw'Imana nk'uko buhishurirwa muri Kristo ni bwo bumenyi abakijijwe bose bategerezwa kugira. Ubu ni bwa bumenyi buhindura kamere y'umuntu. Bwakiriwe mu buzima, buzorema busha umuntu mw'ishusho ya Kristo. Ubu ni bwo bumenyi Imana irarikira abana bayo kuronka, iruhande yabwo ibindi vyose ni umuyaga n’ubusa. Muri buri runganwe, no muri buri karere, umushinge w'ukuri wo kwubaka kamere wamye ari imwe mu ngirigo ziri mw'ijambo ry'Imana. Urugero rutabesha kandi rw'ukuri ni ugukora ico Imana ivuga. «Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse,» kandi «uwugenza atyo nta kizomunyiganyiza.» Zaburi 19 :8; 15:5. Ijambo ry'Imana ni ryo intumwa yakoresheje mu kurwanya ivyiyumviro vy'ibinyoma vyo mu gihe cabo, bavuga bati «Kuko irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho.» 1 Ab'i Korinto 3:11.IN 247.2

    Igihe cose abizera b'i Kolosayi bahinduka kandi bakabatizwa barahira guhakana imyizerere n'ibikorwa bari bahoze bagenderamwo, bagasezerana kugamburukira Kristo. Mw'ikete ryiwe, Paulo yabibukije ivyo bintu, kandi abinginga kutibagira ko kugira ngo ntibibagire isezerano ryabo bategerezwa kwama bagira utwigoto barwaya ibibi vyogerageza kubifatira mu gakanu. Yavuze ati, «Asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, avyagiye i buryo bw'Imana. Mushire imitima ku biri hejuru, ntimuyishire ku biri mw'isi. Kuko mwapfuye, kandi ubugingo bwanyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana.»» Nuko rero umuntu wese ari muri Kristo, aba ari icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose bicika bisha.» 2 Ab'i Korinto 5:17. Mu bushobozi bwa Kristo, abagabo n'abagore baracagaguye iminyororo y'ingeso y'icaha. Baritandukanije n'ukwikunda. Inshirasoni yahindutse umupfasoni, imborerwa irabiheba, umusambanyi ahinduka umugororotsi mu vyiyumviro. Imitima yari yambaye ishusho ya Satani yarahindutse yambara ishusho y'Imana. Iri hinduka ubwa ryo ni igitangaza c'ibitangaza. Ihinduka rigizwe n'ijambo ry'Imana, ni ibanga rikomeye ry'ijambo ry'Imana. Ntidushobora kubitahura; dushobora kwizera gusa, nk'uko ijambo ry'Imana ribivuga, ni «Kristo muri mwebwe, ivyizigiro vy'ubwiza.IN 248.1

    Iyo Mpwemu w'Imana ategetse ubwenge n'umutima, uwo muntu yahindutse araturika akaririmba indirimbo nsha; kuko atahura ko mu buzima bwiwe hashitse isezerano ry'Imana, ko ibigabitanyo vyiwe vyababariwe, icaha ciwe kigahanagurwa. Yarihanye imbere y'Imana ku bwo itegeko ryayo ryahonyanzwe, kandi yizera Kristo, yapfiriye umuntu ngo amutsindanishirize. «Kubera yatsindanishirijwe no kwizera,» afise «amahoro ku Mana ku bwo Umwami Yesu Kristo.» Abaroma 5:1. Ariko ku bwo ivyo, Umukristo ntakwiye kuzinga amaboko, ngo yishimire ivyo yamaze gushikako. Uwafashe ingingo yo kwinjira mu bwami bw'impwemu azotahura ko ububasha bwose na kamere -muntu katahindutSe, bikwegwa n'inkomezi z'ubwami bw'umwiza, zikoraniye kumurwanya. Buri musi ategerezwa kwishikanira Imana, buri musi arwana n'ikibi. Ingeso za kera, kamere ikomoka ku bavyeyi zihengamiye ku kibi, bizorwana ngo bimutegeke, kandi ategerezwa kwama avyirinda, yihatira kuronka intsinzi mu nkomezi za Kristo.IN 248.2

    Paulo yandikiye Ab'i Kolosayi ati, «Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw'isi, mwagenderamwo kera, hamwe mwaba muri vyo. Ariko noneho mwiyambure n'ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw'ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.... Nuko rero mwambare umutima w'ikigongwe, n'ineza, n'ukwicisha bugufi, n'ugutekereza, n'ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iyo umuntu agize ico apfa n'uwundi: nk'uko Uwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. Ikigeretse kuri ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana. Kandi amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe; kandi mube abama bakenguruka.» Ikete ryandikiwe Ab'i Kolosayi ryuzuye ivyigwa vy'agaciro ntangere ku bantu bose biyemeje gukorera Kristo, ivyigwa vyerekana intumbero idasanzwe n'ubuziranenge buzoboneka mu buzima bw'umuntu aserukira vy'ukuri Umukiza. Umukristo akwiye guheba ibintu vyose vyomubuza gutera imbere mu nzira ija mw'ijuru, akwiye kandi gukura ico cose comutesha inzira ipfunganye, umwizera azogaragaza mu buzima bwiwe bwa buri musi imbabazi, ubugwaneza, kwicisha bugufi, ubwitonzi, ukwihangana, n'urukundo rwa Kristo. Ubushobozi bw'ubuzima bwo hejuru, butyoroye, butunganye ni bwo dukeneye kuruta vyose. Isi yuzuye ivyiyumviro vyacu, ariko bike vy'ubwami bw'ijuru.IN 249.1

    Mu kigoro kiwe ko gushikira ivyo Imana imwifuriza, Umukristo ntakwiye kwihebura. Ubutungane mu ngeso no mu vy'impwemu, ku bwo ubuntu n'ubushobozi bwa Kristo, bwasezeraniwe bose. Yesu ni We soko ry'ubushobozi, isoko ry'ubugingo. Atuzana kw'ijambo ryiwe, kandi ku giti c'ubugingo atuzanira amababi akiza imitima irwaye. Atuyobora ku ntebe y'ubwami y'Imana, kandi agashira mu kanwa kacu isengesho ritunywanisha na Yo. Ku bwacu akoranya ibikoresho vyose vy'ubushobozi vyo mw'ijuru. Ku ntambwe yose dukorakora ubushobozi bwiwe buzima.Imana ntishira imbibe kw'iterambere ry'abo bose bifuza «kwuzuzwa ubumenyi bw'ubugombe bwayo mu bwenge bwose n'ugutahura kw'impwemu.» Mu gusenga, kwama bagavye, mu gukura mu bumenyi no gutahura, basabwa «gukomezwa n'ubushobozi bwose, nk'uko ubushobozi butangaje bwiwe buri.» Gutyo bazoba biteguye gukorera abandi. Umukiza yipfuza ko abantu bose, batyorowe kandi bakezwa, bomubera abafasha. Ku bwo ako gateka gakomeye twatewe, ni dushimire Imana, yo «yadushoboje kuraganwa n'abera iragi ryo mu muco: yadukijije ububasha bw'umwiza, atwimurira mu bwami bw'Umwana wiwe akunda.»IN 249.2

    Ikete Paulo yandikiye Ab'i Filipi, nk'iryo yandikiye Ab'i Kolosayi, yaryanditse ari imbohe i Roma. Ishengero i Fihpi ryari ryarungikiye Paulo ingabire riciye kuri Epafurodito, uwo Paulo yita «mwene Data dufatanije igikorwa n'intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkenye vyose.» Igihe yari i Roma, Epafurodito yari arwaye «ahakwa gupfa: ariko Imana imugirira imbabazi,» ni ko Paulo yandika avuga, ati «kandi si we wenyene, ni jwe yazigiriye, kugira ngo umubabaro wanje ntiwongerekane.» Bumvise ivy'indwara ya Epafurodito, abizera b'i fihpi barababaye ku bwiwe, maze ahitamwo gusubira kubaraba. Paulo yanditse ngo «Yabagiriye igishika mwese, arandurwa umutima n'uko mwumvise yuko yari arwaye.. . ngira umwete wo kumurungika, ngo ni mwongera kumubona muze munezerwe, nanje ngabanuke umubabaro. Nuko mumwakirane umunezero mwinshi ku bwo Umwami wacu; kandi abameze nk'uwo mwame mububaha: kuko yagarukiye hafi yo gupfa ku bwo igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngo ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.»IN 250.1

    Paulo yarungikanye Epafurodito ikete ku bizera b'i Filipi ryo kubashimira ku ngabire bamuhaye. Mu mashengero yose iry'i Fihpi ni ryo ryerekanye umutima wo gutanga kuruta ayandi, mu guha Paulo ivyo akeneye. Mw'ikete ryiwe yanditse ati, «Kandi yemwe Bafilipi, namwe ni ico muzi yuko mw'itanguriro ry'ubutumwa bwiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabwa, atari mwebwe mwenyene. Kuko n'i Tesalonike na ho mwandungikiye ivyo kumara ubukene si rimwe ni kabiri kose. Si uko ndondera ingabire: ariko ndondera imbuto zigwiririkanye amaronko yanyu. Ariko mfise ibinkwiye vyose: mfise umurengera, kuko mpawe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ari umubabwe umota neza, ikimazi cemewe gihimbaza Imana. Ubuntu bube muri mwebwe n'amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo. Nshima Imana yanje, uko mbibutse kwose, kandi uko nsenze kwose mbasengera mwese nezerewe, kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bwiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n'ubu; kandi ico nizigiye ntakekeranya, ni uko uwatanguye igikorwa ciza muri mwebwe azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo: nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise ku mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bwiza no kubutsimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bw'Imana. Imana ni yo ntanzeko icabona c'ingene mbagirira igishika mwese.... Kandi ico nsengera, ni ukugira ngo urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bwenge no mu kumenya kwose; murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya canke ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo, mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n'ishimwe.»IN 250.2

    Ubuntu bw'Imana ni bwo bwashigikira Paulo ari mw'ibohero, bukamufasha kunezerwa mu marushwa. Mu kwizera n'ivyizigiro yandikiye bene Data b'i Filipi ko ingoyi ziwe zashize imbere ubutumwa bwiza. Yemanze ati, «Bene Data, nagomba ko mumenya yuko ivyambayeko cane-cane vyashize imbere ubutumwa bwiza; bituma ingoyi zanje zo ku bwa Kristo zimenyekana mu basoda bahora badibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose: kandi abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, baremeshejwe n'ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry'Imana bashize amanga.»IN 251.1

    - Hari icigwa kuri twebwe mu vyashikiye Paulo, kuko bihishura uburyo Imana ikora. Umwami Imana ashobora gutanga intsinzi aho bisa n'uko atacovamwo kiretse kuneshwa. Turi mu kaga ko kwibagira Imana, mu kuraba ibintu biboneka, aho kurabisha amaso y'ukwizera ibintu bitaboneka. Iyo ubuhombe canke ivyago biteye, twitegura kurega Imana ngo ntaco yitayeho canke ngo ni umwicanyi. Iyo ibonye ko bibereye ngo dukurwe mu buzima bw'igikorwa mu buryo runaka, turagandara, ntitwibaze ko Imana yoba iriko iraronderamwo ineza yacu. Dukeneye kumenya ko igikangiro kiri muri wa mugambi wayo uhambaye, kandi ko musi y'inkoni y'imibabaro Umukristo ashobora rimwe na rimwe gukorera Umwami vyinshi kuruta ivyo amukorera mu mwidegemvyo. Paulo yereka Abafilipi ko Kristo ari We citegererezo mu buzima Rukristo, Uwo, «naho yari asanganywe ishusho y'Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n'Imana ari ikintu co kwumirako: ariko yisiga ubusa, yabira ishusho y'umugurano, acika uwusa n'abantu. Kandi abonetse nk'umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka no gushitsa ku rupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.IN 251.2

    Arabandanya ati, «Nuko rero abo nkunda, nk'uko mwamye mugamburuka abe ai ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara si iyo ndiho gusa, ariko n'ubu nyene naho ntari iyo ni murushirize. Kuko Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara. Mukore vyose ata kwidodomba, ata guharira, kugira ngo ntimugire umugayo canke akarohe, mube abana b'Imana batagira agasembwa, hagati y'ab'iki gihe bagoramye b'ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk'amatara mw'isi, mwerekana ijambo ry'ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntaruhijwe n'ubusa.»Aya majambo yanditswe ngo afashe umuntu wese ari mu ntambara. Paulo ashira hejuru urugero rw'ubugororotsi kandi akerekana ingene rwoshikirwa. Avuga ati, «mushitse agakiza kanyu, kuko Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu.» Igikorwa co gushika ku gakiza ni igikorwa dukorana n'abandi. Hategerezwa kuba ugukorera hamwe hagati y'Imana n'umunyavyaha yihanye. Ibi birakenewe ku bwo kugira ingingo ngenderwako zigororotse muri kamere. Umuntu ategerezwa gukora ibisholoka vyose ngo atsinde ibimubuza gushikira ubugororotsi. Ariko intsinzi yiwe ayikesha Imana. Utwigoro tw'umuntu ntiduhagije. Hatabaye ubufasha bw'Imana nta co bimaze. Imana irakora kandi n'umuntu nawe agakora. Kurwanya ibigeragezo bihagaze ku muntu, ategerezwa kuvoma ubushobozi ku Mana. Ku ruhande rumwe hari ubwenge butagira imbibe, impuhwe, n'ubushobozi; ku rundi, hari intege nke, icaha, nta gifasha. Imana yifuza ko dutegeka ivyiyumviro vyacu. Ariko ntishobora kudufasha tutavyemeye kandi tudakoranye na yo. Mpwemu w'Imana akorera mu bushobozi n'ingabire umuntu yahawe. Ku bwacu twenyene ntidushobora gutegeka ivyifuzo vy'imibiri yacu ngo bihwane n'ubugombe bw'Imana; ariko «twemeye guhabwa ubushake,» Umukiza azobidukorera, «dushingure impari n'igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya kumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyoise, ngo tubigomorere Kristo.» 2 Ab'i Korinto 10:5.IN 251.3

    Uwuzokwubaka kamere ikomeye, igororotse, ashaka kuba Umukristo ari ku rugero rwiza, ategerezwa guheba vyose no gukora vyose ku bwa kristo; kuko Umukiza ntazemera ko dukorera abami babiri. Buri musi ategerezwa kwiga ico bisobanura kwitanga wese. Ategerezwa kwiga ijambo ry'Imana, yiga ubusobanuro bwaryo no kugamburukira amategeko ya ryo. Gutyo rero ashobora gushika ku rugero rw'ubugororotsi Rukristo. Ku musi ku musi Imana ikorera muri we, ikuzuza kamere izohagarara mu rubanza rw'imperuka. Kandi umusi ku wundi umwizera akorera imbere y'abantu n'imbere y'abamarayika umwimenyerezo uhambaye, werekana ico ubutumwa bwiza bushobora gukorera abantu baguye mu caha.IN 252.1

    Paulo yanditse ati, «ku bwanje sinibwira yuko maze kugifata, ariko ico nkora ni iki kimwe gusa, nibagira ivyo inyuma, kandi nshingira ibiri imbere, mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpera y'umuhamagaro w'Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw'ijuru.»IN 252.2

    Paulo yakoze ibintu vyinshi. Kuva yiyemeje kugamburukira Kristo, ubuzima bwiwe bwaranzwe n'ibikorwa vy'urudaca. Yava mu gisagara aja mu kindi, ava mu gihugu aja mu kindi, agendagenda, avuga inkuru y'umusaraba, yunguka abakira ubutumwa bwiza, kandi ashinga amashengero. Ku bwo ayo mashengero yama afise imyitwarariko, kandi yanditse amakete menshi yo kubahanura. Rimwe na rimwe yarikoze ku mwuga wiwe ngo aronke ibimutunga vya buri musi. Ariko mu bikorwa vyose vy'ubuzima bwiwe, Paulo ntiyigeze yibagira intumbero imwe ihambaye-gukurikirana umuhamagaro wiwe wo kuja mw'ijuru. Intumbero imwe yamije ku muzirikanyi-kudahemukira Wa wundi yamwihishuriye kw'irembo rya Damasiko. Nta na kimwe cari gifise ububasha bwo kumwibagiza iyo ntumbero. Guhaya umusaraba w'i Kaluvari-iki nico kintu nyamukuru camutuma avuga canke akora. Intumbero nyamukuru yagobera Paulo gushikama mu buruhe n'ingorane bitegerezwa gutuma umukozi w'Umukristo wese yitanga atiziganije ku bwo igikorwa c'Imana. Ibihenda amaso vy'isi bizoshirwa imbere yiwe ngo bimukwegakwege bimukure ku Mukiza, ariko ategerezwa kuramiriza agana ku ntsinzi, yereka amahanga, abamarayika, n'abantu ko ivyizigiro vyo kubona Imana bihwanye n'utwigoro n'ukwitanga ivyo vyizigiro bisaba.IN 252.3

    Naho yari imbohe, Paulo ntiyacitse intege. Ahubwo, akamo k'intsinzi gasamiranira mu makete yandikiye amashengero ari i Roma. Yandikiye Abafilipi ati, «Mwame munezererwa mu Mwami imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe....'Ntimugire ico mwiganyira; ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y'Imana aruta uko yomenywa n'umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n'ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu. Ibisigaye, bene Data, ivyo ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose,- ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivy'igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba hariho ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.» «Kandi Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nk'uko itunga ry'ubwiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.... Ubuntu bw'Umwami Yesu Kristo bubane namwe mwese.»IN 253.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents