Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 46: Mu Mwidegemvyo

    Naho ibikorwa vya Paulo i Roma vyahezagiwe bigatuma abantu benshi bakira Kristo ndetse bigakomeza kandi bigatera intege abizera, ibicu vyo kurwanya umutekano wiwe n'ukuroranirwa kw'ishengero vyariko biriyegeranya. Igihe yashika i Roma yari yashizwe mu si y'uburinzi bw'intwazangabo itegeka abarinda umutekano w'umwami, umuntu w'intungane n'umwizigirwa, yamugiriye impuhwe asa n'uwufise umwidegemvyo wo kubandanya igikorwa co kuvuga ubutumwa bwiza. Ariko imbere y'uko iyo myaka ibiri y'umunyororo irangira, uwo mugabo yasubiriwe n'intwazangabo ata ciza Paulo yari ayitezeko.IN 253.2

    Abayuda rero bahagurukiye Paulo kuruta uko babikoze imbere, maze bafatana n'icitso c'insimbarubebe y'umugore Nero yari yagize umugore wiwe wa kabiri, kandi kubera yari yarakiriye idini y'Abayuda, yakoresheje ubushobozi bwiwe bwose ngo abafashe gushika ku migambi yabo yo kwica iyo ntwari y'ukwizera Rukristo. Nta butungane Paulo yashobora kwitega kuri uwo Kayisari yari yitwayeko. Nero yari umuntu yononekaye mu ngeso, sindabibazwa, ariko kandi ashobora gushitsa imigambi y'ubwicanyi kuruta abandi bami babayeho imbere yiwe. Nta mutegetsi atwaza igitugu kumurusha. Umwaka wa mbere w'ingoma yiwe wari waranzwe n'ukwicisha ishano murumunawe wo kuri mukase, kubera ari we yari yateguwe ngo asubire ku ngoma ya se. Nero yamanutse ku kibi aja ku kindi n'ubwicanyi ku bundi, aramanuka gushika aho yica nyina amuvyara hanyuma yica n'umugore wiwe. Nta kibi kibishe yashobora kwiyubara, nta gikorwa kigayitse yagera amajanja. Umuntu wese w'intungane yamubonamwo ububi n'agasuzuguro. Ido n'ido ry'ibibi yakoze mu kirimba ciwe riteye isoni, riragayitse, riteye ubwoba ku buryo ata wobidondangura. Ububi bwiwe bwatumye yankwa kandi azinukwa n'abantu benshi, mbere n'abamufasha mu bwicanyi bwiwe kuko ata kundi bari kugira. Bama bari mu bwoba bibaza amabi yimirije gukora. Ariko naho Nero yakora ubwo bwicanyi nticabuza ko abo atwara bamugamburukira. Yari azwi nk'umutegetsi ntavuguruzwa w'isi yose yari izwi ico gihe. Ikiruta vyose, yari afise icubahiro c'imana, maze bakamusenga nk'imana.IN 253.3

    Mu vyiyumviro vya kimuntu, vyagaragara ko umucamanza nk'uwo atazomwambika izera. Ariko Paulo yumva ko igihe cose azoyoboka Imana ata kintu na kimwe yategerezwa gutinya. Uwo yari yaramuzigamye muri kahise yashobora kumubera inkinzo akamukiza ubwicanyi bw'Abayuda n'ububasha bwa Kayisari.Kandi koko Imana yakingiye umusuku wayo. Aravye ivyo barega Paulo, yasanze bidafashe, kandi ibinyuranye n'ivyo bose bari biteze, kandi uravye ingene ubutungane bwa Nero bwahindagurika bivanye na kamere yiWe, Nero yavuze ko iyo mbohe ata caha kiyagira. Imvuto za Paulo ziba zirahavuye; yongera kuba umuntu yidegemvya.IN 254.1

    Iyo urubanza rwiwe rwigizwayo, canke ku mvo iyo ari yo yose akaguma abohewe I Roma gushika mu mwaka wakurikiye, nta kabuza yari gusiga agatwe mu gahamo kabaye. Mu gihe Paulo yari aboshwe abakiriye Kristo basha bari babaye benshi cane ku buryo vyatangaje kandi bitera urwanko abategetsi.Ishavu ry'umwami ahanini ryaziririnze kubera abantu bo mu nzu yiwe bakiriye Kristo, niko kurondera icitwazo co gusuka ku Bakristo igikombe c'ubwicanyi bwiwe buzira akagongwe. Muri ico gihe hadutse i Roma umuriro uteye ubwoba waturiye hafi ica kabiri c'igisagara. Urukurukuru rwavuga ko Nero ari we ubwiwe yari yadometse uwo muriro, ariko kugira ngo ndhagire uwubica n'ikanda, yari yigize umugiraneza mu gutabara abateshejwe izabo n ababuze utwabo. Ariko naho vyari uko, yagirijwe ico kibi. Abanyagihugu barahagurutse n'ishavu ryinshi, maze kugira yiyeze, kandi arandure mu gisagara umugwi w'abantu yatinya kandi yanka, Nero yasutse ubwo kwicanyi ku Bakristo. Irementanya ryiwe ryarafashe, maze ibihumbi n'ibihumbi vy Abakristo - abagabo, abagore, n'abana-bicwa urwo agashinyaguro.IN 254.2

    Paulo yakingiwe ako gahamo, kuko amaze kubohorwa atatevye kuva i Roma. Aka kanya ka nyuma k'umwidegemvyo Paulo yagakoresheje neza mu gukorera mu mashengero. Yagerageje gukomeza ubumwe hagati y'amashengero y'Abagiriki n'amashengero yo mu buseruko no gukomeza imitima n'ivyiyumviro vy'abizera bahungabanijwe n'inyigisho z'ibinyoma zariko ziranyengetera zonona ukwizera. Imibabaro n'imyitwarariko Paulo yaciyemwo vyari vyakoze ku nkomezi ziwe z'umubiri. Ubumuga bw'ubusaza bwari kuri we. Yumvise ko ariko akora igikorwa ciwe ca nyuma, kandi, uko igihe ciwe co gukora cagenda kigabanuka, ni ko yongereza ingoga. Umwete wiwe wasa n'uko utagira imbibe. Yihuta gufata imigambi, ntiyatebagana gutangura igikorwa, yari akomeye mu kwizera, yagendagenda mu mashengero, mu turere twinshi, kandi yakora uko ashoboye kwose ngo akomeze amaboko y'abizera, ngo babe abizigirwa mu kuzanira imitima Yesu, kandi mu bihe bigoye bari bimirije kwinjiramwo, bategerezwa kuguma ari abayoboke b'ubutumwa bwiza, bakaba ivyabona vy'intungane vya Kristo.IN 254.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents