Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 52: Umwizigirwa Gushika Kw'iherezo

    Iki Kigabane Gishimikiye kw'Ikete rya Kabir rya Petero

    Mw'ikete rya kabiri Petero yandikiye abari baronse «ukwizera kw'akaburarugero» kungana n'ukwiwe, iyo ntumwa yerekana umugambi w'Imana kw'iterambere rya kamere Rukristo. Yandika ati:«Ubuntu n'amahoro bigwire muri mwebwe, mubiheshejwe no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu, kuko ubushobozi bw'ubumana bwayo bwaduhaye ivy'ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubwiza bwiwe n'ingeso ziwe nziza: ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy'akaburarugero, bihambaye cane: kugira ngo bibatere gusangira n'Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw'iborero ryazanywe mw'isi no kwifuza. «Mbere kubw'iyo nyanduruko nyene, ubwanyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw'ingeso nziza; ubwenge mubwongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana; Ukwubaha Imana mukwongereko gukunda bene Data; ugukunda bene Data mukwongereko urukundo. Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank'ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.»IN 277.1

    Aya majambo yuzuye inyigisho, kandi yerekana aho intsinzi ihagaze. Iyo ntumwa yereka abizera urwuririzo rw'iterambere Rukristo, aho intambuko imwe imwe yose yerekana gukura mu kumenya Imana, kandi mu kurwurira nta guhagarara kubamwo. Ukwizera, ingeso nziza, ubwenge, kwirinda, kwihangana, kwubaha Imana, gukunda bene Data, n'urukundo ni zo ntambwe zigize urwo rwuririzo. Dukizwa mu kwurira urwo rwuririzo ubudahengeshanya, tuduga intambwe ku yindi, gushika ku rugero rwo hejuru Kristo yadushiriyeho. Ku bw'ivyo, yatubereye ubwenge, n'ubugororotsi, n'ukwezwa, n'agakiza.Imana yahamagariye abantu bayo mu bwiza n'ingeso nziza kandi ibi bizogaragara mu buzima bw'abari mu bumwe nawe vy'ukuri. bamaze kuba abasangira ingabire y'ijuru, bategerezwa gutera intambwe begera ugutungana, «bazigamwa n'ubushobozi bw'Imana kubw'ukwizera.» 1 Petero 1:5. Bihesha Imana icubahiro guha abana bayo ingeso nziza zayo. Yifuza kubona abagabo n'abagore bashika ku rugero rwo hejuru rw'ubweranda; kandi iyo ku bwo ukwizera bacakiye ubushobozi bwa Kristo, iyo binginga bamusaba gushitsa amasezerano yiwe adahinduka, kandi bakayagira ayabo, iyo bamugobera ngo abaronse ubushobozi bwa Mpwemu Yera, bazogirwa abuzuye muri We.IN 277.2

    Amaze kuronka ukwizera mu butumwa bwiza, igikorwa gikurikira c'umwizera, ni ukwongera ingeso nziza kuri kameremere yiwe, gutyo rero akoza umutima wiwe kandi agategurira ubwenge bwiwe kwakira ubwenge bw'Imana. Ubwo bwenge ni ishimikiro ry'ubumenyi nyakuri n'igikorwa nyakuri. Iki ni co kintu nyakuri gishobora kumurinda ibigeragezo; kandi ni co kintu conyene gishobora guhindura umuntu akagira kamere y'Imana. Mu kumenya Imana n'Umwana wayo Yesu Kristo, ni ho umwizera aronkera «ibintu vyose vy'ubuzima n'ukwubaha Imana.» Nta ngabire n'imwe nziza idahabwa umuntu yifuza vy'ukuri kuronka ukugororoka kw'Imana.IN 278.1

    Kristo yavuze ati, «Ubu ni bwo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y'ukuri, n'uwo watumye, Yesu Kristo.» Yohana 17:3. Kandi uwavugishwa n'Imana Yeremiya yavuze ati: «Uku ni ko Uhoraho agize, at'Umunyabwenge yoye kwirata ubwenge bwiwe, canke umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, canke umutunzi ngo yirate ubutunzi bwiwe: ariko uwirata, ni yirate ibi, ko yamenye, akantahura, yuko ndi Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n'izigororotse mw'isi: kukw'ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze.» Yeremiya 9:23, 24. Ubwenge bw'umuntu ntibushobora gutahura neza ubwaguke n'uburebure bw'amajepfo, n'uburebure bw'amajaruguru bw'ibintu vy'Impwemu umuntu afise ubwo bwenge ashobora gushikako.IN 278.2

    Nta n'umwe yari akwiye kunanirwa muri ubu buryo gushika ku gutungana kwa kamere Rukristo. Ku bwo ikimazi ca Kristo, vyose vyarateguwe ku mwizera ngo aronke ibintu vyose vy'ubuzima n'ukwubaha Imana. Imana iduhamagarira gushikira urugero rw'ubugororotsi kandi ishira imbere yacu akarorero ka kamere ya Kristo. Mu mubiri w'umuntu, atunganijwe no kurwanya ikibi adahengeshanya, Umukiza yerekanye ko mu gufashanya n'Imana, abantu bashobora gushikira ubugororotsi bwa kamere. Iki ni icemezo Imana iduha, ko natwe, dushobora kuronka intsinzi yuzuye. Imbere y'umwizera hari ubushobozi bwo kuba nka Kristo. agamburuka in^ingo zose z'ivyagezwe vy'IMana. Iriko mu bushobozi bwiwe, umuntu ntashobora gushikira uru rugero. Ubweranda ijambo ry'Imana rivuga ko ategerezwa kuronka imbere y'uko ashobora gukizwa buvana n'igikorwa c'ubuntu bw'Imana igihe yiyoroheje akagamburuka kandi akumvira igikorwa ca Mpwemu w'ukuri. Ubugamburutsi bw'umuntu bushobora gutunganywa n'umubavu w'ukugororoka kwa Kristo, wuzuza ubumote bw'Imana igikorwa cose co kugamburuka. Uruhara rw'Umukristo ni ukwihangana mu kunesha ikosa ryose. Akwiye gusenga urudaca Umukiza ngo akize akajagari k'umutima wiwe ubogamiye ku caha. Ntafise ubwenge canke inkomezi zo kunesha ibi bikorwa n'Umwami Imana, kandi ivyo abiha abamuronderako ubufasha bicishije bugufi kandi bafise imitima imenetse.IN 278.3

    Igikorwa co guhindura umuntu ava mu bubi akaja mu bweranda ni igikorwa ca misi yose. Buri musi Imana ikora ku bwo ukwezwa kw'umuntu, kandi umuntu asabwa gukorana na Yo, yihatira gukora ibiroranye. Ategerezwa kwongera ubuntu ku bundi; gutyo we agakora ku rwego rwo kwongereza, Imana igakorera ku rwego rwo kugwiza. Umukiza wacu yama yiteguye kwumva no kwishura isengesho ry'umutima umenetse, kandi ubuntu n'amahoro bigwizwa ku biwe b'abizigirwa. Abaha anezerewe imihezagiro bakeneye mu ntambara yabo barwanya ibibi bibasatira. Hari bamwe bagerageza kuduga ingazi y'iterambere Rukristo; ariko uko batera intambwe batangura kwizigira ubushobozi bw'umuntu, maze bidatevye bakibagira Yesu, Uwatanguje kandi Uwuzosozera ukwizera kwabo. Inkurikizi ni ukuneshwa-gutakaza ivyo bari bashitseko vyose. Ibi birababaje kubona abantu baruhira mu nzira, bakemerera Satani kubanyaga ubuntu bwa Kristo bahoze bagwiza mu mitima no mu buzima bwabo. Iyo ntumwa ivuga iti, «Uwutagira ivyo ni impumyi, abona ibiri hafi gusa, kandi yibagiye umwuhagiro w'ivyaha vyiwe vya kera.»IN 279.1

    Intumwa Petero yari yaramenyereye cane ibintu vy'Imana. Ukwizera ubushobozi bw'Imana bwo gukiza kwari kwarakomeye ubwo imyaka yiyongera, gushika aho atahura atihenda ko ata gutsindwa gushoboka ku muntu agendera mu kwizera, aduga intabwe ku ntambwe, akomeza kuduga gushika ku gasongera k'urwuririzo rushika no ku marembo y'ijuru. Mu myaka myinshi Petero yamye ahanura abizera akamaro ko gukura na ntaryo mu buntu no mu kumenya ukuri; none ubu, azi ko bidatevye azohamagarirwa kubabazwa ku bwo ukwizera kwiwe, yongeye kubereka amahirwe mburarugero ari mu biganza vy'umwizera wese. Mu kwizera kudahugumba, iyo ntumwa igeze mu zabukuru, yinginga bene Data kudatirigana kuri iyo ntumbero mu buzima Rukristo. Yabingize ati, «Mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n'ugutoranywa: ni mwakora ivyo ntimuzotsitara na gatoya: kuko ni vyaba bityo, muzohabwa rwose kwinjira mu bwami budashira bwa Yesu Kristo, ni we Mwami n'Umukiza.» Ukwizera kw'agaciro! Ivyizigiro vy'ubwiza biri imbere y'umwizera, ubwo atera intambwe mu kwizera agana ku ngero zo hejuru z'ubugororotsi Rukristo!IN 279.2

    Iyo ntumwa yarabandanije iti, «Ni co gituma imisi yose ntazotezura kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri kuri muri mwebwe. Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura mbibutsa, nkiri muri uru rusago. Kuko nzi yuko igihe co kwamburwa uru rusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk'uk'Umwami wacu Yesu Kristo yamenyesheje. Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gutaha muze mushobore kwama mwibuka ivyo.»Iyo ntumwa yari ifise ubumenyi buhagije bwo kuvuga ivy’ imigambi y'Imana ku bantu; kuko mu misi Kristo yakoreye mw'isi yari yabonye kandi arumva vyinshi vyerekeye ubwami bw'Imana. Yibukije abizera ati, «Kuko tutakurikiye imigani yaremwe n'akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bw'Umwami Yesu Kristo no kuzoza kwiwe, ariko ni uko twiboneye n'amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye. Kuko yahawe n'Imana Data wa twese ishimwe n'ubwiza, ah'ijwi rivuzwe n'ubwiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. Kandi iri jwi ryavuye mw'ijuru twararyumvise igihe twari kumwe na We ku musozi wera.»Ariko naho ivyizigiro vy'abizera vyari ivyo ukuri, hari hakiri ibindi vy'ukuri mu gushinga intahe kw'ivyo abavugishwa n'Imana, ivyo ukwizera kwa bose gutegerezwa gushingirako. Petero yemanze ati, «Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryakomejwe kurushiriza; mugira neza ko murishirako umutima, ni nk'itara ryakira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah'ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu: irya mbere mukwiye kumenya , ni uko ata jambo ry'abavugiswa n'Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk'uko umuntu avyigombera, kuko ata jambo ry'abavugishwa n'Imana ryazanywe no kugomba kw'umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.»IN 279.3

    Naho yashize hejuru iryo «jambo ry'ukuri ryavugishijwe» nk'indongozi mu bihe vy'akaga, iyo ntumwa yagabishije ku mugaragaro ishengero ngo ryirinde umuco w'ukuvugishwa kw'ibinyoma, uzoshirwa hejuru «n'abigishwa b'ibinyoma,» bazokwinjiza mu mpisho «inyigisho zitera guhona, bazokwihakana na Shebuja yabaguze.» Abo bigisha b'ibinyoma, bazokwaduka mw'ishengero kandi benshi muri bene Data mu kwizera bazobemera nk'abanyakuri, iyo ntumwa ibagereranya «n'amasoko akamye, kandi ni ibipfungu bikubebwa n'igihuhuta, barindirijwe umwiza w'umuzitanya.» Yavuze yemanga ati, «ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi. Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bahawe.» Aravye kure ku gihe c'umuhero, Petero yahumekewe kwandika ingene ibintu bizoba biri mw isi imbere gato y'ukugaruka kwa Kristo. Yanditse ati, «Mu misi y iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana bakurikira ukwifuza kwabo, babaza, bati Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuko uhereye aho ba sogokuruza basinziriye, vyose bihora uko vyamye, uhereye kukuremwa kw isi.» Ariko «Aho bazoba bavuga, bati hari amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka.» 9 Ab'i Tesalonike 5:3. Ariko si bose bazofatwa n'umutego w'ubuhendanyi bwa Sataru. Ubwo impera y ivy isi vyose izoba yegereje, hazoba abizigirwa bazoshobora gutahura ibimenyetso vy'ibihe. Igihe umugabane munini w'abiyita abizera bazohakana ukwizera kwabo ku bwo ibikorwa vyabo, hazobaho amasigarira azokwihangana gushika kw'iherezo.IN 280.1

    Petero yagumije ku muzirikanyi ivyizigiro vy'ukugaruka kwa Kristo, kandi yijeje ishengero ko Umukiza azoshitsa isezerano ryiwe, «Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje.» Yohana 14:3. Ku bari mu mageragezwa kandi b'abizigirwa ukugaruka kwa Kristo kwasa n'uko gutevye, ariko iyo ntumwa yabemeje : «Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, nk'uko bamwe biyumvira ko iritevya; ariko yihanganira mwebwe, ntigomba ko hagira abahona, ariko igomba ko bose bihana. Ariko umusi w'Umwami wacu uzoza nk'igisuma, aho amajuru azovaho, hakaba n'ukwasana guhambaye, ivy'itanguriro vyose bigashongeshwa n'ikibengebenge gikaze, isi n'ibikorwa biri muri yo bigatongoka. «None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana, no mu kurereka ukuza kw'umusi w'Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kandi ivy'itanguriro bikayagishwa n'ikibengebenge gikaze? Ariko nk'uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n'isi nsha, ivyo kugororoka kuzobamwo.IN 281.1

    «Nico gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutariko umugayo imbere yiwe. Mwiyumvire yuko kwihangana kw'Umwami wacu ari agakiza;’-nk'uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uko ubwenge yahawe bungana.... None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n'ubuzimire bw'abatirinda, mugata ugushikama kwanyu. Ariko mukurire mu buntu bwa Yesu Kristo Umwami wacu n'umukiza.» Ku bwo integuro y'Imana, Petero yemerewe kurangiriza igikorwa ciwe i Roma, aho umunyororo wiwe wategetswe n'umwami Nero, umengo mu gihe Paulo yafatwa ubwa nyuma. Nuko rero izo nararibonye zibiri zari zaratandukanye mu gihe kirekire ku bw’ ibikorwa vyabo, zategerezwa gushinga intahe yazo ku bwa Kristo mu mugwa mukuru w'isi yose, kandi ku butaka bwawo bategerezwa gusesaho amaraso yabo nk'imbuto izovamwo umwimbu munini w'aberanda n'abapfa bazira ukwizera kwabo. Uhereye igihe yongera kwemerwa inyuma yo kwihakana Kristo, Petero yari yihanganiye akaga ata bwoba kandi yari yerekanye ubutwari bw'igitangaza mu kwamamaza Urivukiza yabambwe, yazutse kandi akaduga mw'ijuru. Ubwo yari arambaraye mu kumba k'ibohero, yibutse ya majambo Kristo yari yamubwiye: «N'ukuri, n'ukuri ndakubwire, Ukiri umusore, warikenyeza, ukaja aho ugomba: ariko aho uzosazira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane aho utagomba.» Yohana 21:18. Gutyo Yesu yari yamenyesheje uwo mwigishwa uburyo azopfa, n'ingene azoramvura amaboko ku musaraba.IN 281.2

    Petero, nk'Umuyuda n'umunyamahanga, yaciriwe urwo gukubitwa inkoni n'ukubambwa. Yiyumviriye ivy'urwo rupfu ruteye ubwoba, iyo ntumwa yibutse icaha yakoze mu kwihakana Yesu mu gihe ciwe c'amageragezwa. Ubwo ubwa mbere atari yiteguye kwemera umusaraba, ubu ho abona ko ari umunezero gutanga ubuzima bwiwe ku bw'ubutumwa bwiza, atinya gusa ko, we yari yihakanye Umwami wiwe, yohava aterwa iteka ryo gupfa nk'uko bishe Shebuja. Petero yari yarihanye vy'ukuri kandi yari yarababariwe na Kristo, nk'uko vyerekanwa mu gikorwa yamujeje co kugaburira intama n'imyagazi y'intama y'ubusho. Ariko ntiyashobora kwibabarira namba. Mbere n'iciyumviro c'imibabaro n'akabonge vya nyuma ntivyashobora kugabanya agahinda kiwe n'ukwihana. Ineza ya nyuma yasavye, yinginze abagiye ku mwica ko bomubamba acuramye. Babimukoreye nk'uko yabisavye, maze iyo ntumwa rurangiranwa ipfa gutyo.IN 282.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents