Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 10: Umukristo Wa Mbere Yapfiriye Ukwizera

    Iki kigabane gisliminikiye ku Vyakozwe n’Intumwa 6:5-15; 7.

    Stefano, uwari imbere muri ba bakozi b'ishengero indwi, yari umuntu yubaha cane Imana, kandi w'ukwizera gukomeye. Naho yari Umuyuda, yaravuga ururimi rw'Ikigiriki kandi yari amenyereye imico n'imigenzo y'Abagiriki. Yaboneyeho rero akaryo ko kwigisha ubutumwa bwiza mu masinagogi y'Abayuda b'Abagiriki. Yari afise umwete mwinshi mu gikorwa ca Kristo, kandi yatangaza ukwizera kwiwe ashize amanga. Abize Ivyanditswe n'abigisha b'ivyagezwe baharira nawe ku mugaragaro, bizeye ko ata kabuza bamutsinda ata ngorane. Ariko «ntibashobora gutsinda ubwenge na Mpwemu Yera bimuvugisha.» Nti yavugana ubushobozi na Mpwemu gusa, ahubwo vyagaragaye ko yari yarize amajambo yabuwe n'abavugishwa n'Imana, kandi ko yize ibijanye n'ivyagezwe vyose. Yararwaniye ukuri yavugira afise ububasha, kandi atsinda abamurwanya. Yashitsweko na rya sezerano, «Nuko ibi mubishire ku mutima, yuko mudakwiye kubanza kwiyumvira ivyo muzokwireguza : kuko ari jewe nzobaha ururimi n'ubwenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.» Luka 21:14,15.IN 50.2

    Abaherezi n'abategetsi babonye ubushobozi bwaherekeza inyigisho za Stefano, banigwa n'inzigo. Aho kwakira ivyemezo yatanze, bafata ingingo yo kuniga ijwi ryiwe mu kumwica. Kenshi bari barahaye ibiturire abategetsi b'Abaroma ngo bahumirize igihe Abayuda bifatiye mu miwe amategeko, bakagerageza gucira imanza no kwica abanyororo bakurikije imigenzo y'igihugu cabo. Abansi ba Stefano ntibakekeranije ko bashobora kandi gukora uko bishakiye ata nkomanzi. Bahitamwo kwigerezako, maze bafata Stefano bamuzana imbere ya Sentare Nkuru y'Abayuda ngo bamucire urubanza.IN 51.1

    Abayuda bize bavuye mu bihugu bibanyi bahamagarirwa kuvuguruza uwo mufungwa. Sauli w'i Tarushishi niho yari kandi yari arongoye abarwanya Stefano. Akoresha ubuhinga bw'imvuzi n’ ubwenge bwo guhinyanyura amajambo bw'abigisha b'Ivyanditswe, ngo yemeze abantu ko Stefano ariko arigisha ibinyoma n'inyigisho zo kugumura ; ariko muri Stefano asangamwo umuntu yatahukiwe umugambi w'Imana mu kwamamaza ubutumwa bwiza mu mahanga yose. Kubera Abaherezi n'abategetsi batashobora guhangarana n'ubwenge n'ubwitonzi vya Stefano, bafata ingingo yo kumutangako akarorero; gutyo rero mu kunezereza agatima kabo kuzuye urwanko n'ukwihora, babuze abantu mu kubatera ubwoba, ntibemere inyigisho ziwe. Bahera ivyabona vy'ibinyoma ngo vyemeze ko vyumvise Stefano arogota ku rusengero n'ivyagezwe. Ivyo vyabona bivuga ngo «Twumvise avuga amajambo y'amarogotano kuri Mose no ku Mana,» n go «Yesu Umunyanazareti azosenyura aha hantu, kandi ahindure imigenzo twahawe na Mose.»IN 51.2

    Ubwo Stefano yahagarara imbere y'abamucira urubanza ngo yishure ku kirego co kurogota, ugukayangana kwera kwagaragaye mu maso hiwe, maze «abicaye muri Sentare bose babona mu maso hiwe hasa n'aho umumarayika.» Benshi mu babonye uwo muco bahinda agashitsi, maze bifuka mu maso, ariko ubuhakanyi bw'intagondwa n'ivyiyumviro bigoramye vy'abategetsi ntivyahungabanye. Igihe Stefano yabazwa ngo yiregure, yatanguje ijwi ritomoye kandi rirenga, ryasamiraniye mu nyubakwa ya Sentare. Mu majambo yatangaje ikoraniro, yaciye ku mayange kahise k'ubwoko bwatoranijwe n'Imana. Yerekanye ubumenyi bukomeye bw'ivyandiswe vy'Abayuda, n'ubusobanuro bwavyo bwa Mpwemu, muri Lki gihe nk'uko vyasohoye muri Kristo. Yasubiyemwo amajambo Mose yavugishijwe yerekeye Mesiya: «Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza uwuvugishwa na We ameze nka nje ava muri mwebwe, mu b'iwanyu: aze abe ari we mwumviriza.» Yarerekanye ko adatirimuka ku Mana no ku kwizera kw'Abayuda, ariko anabereka ko ivyagezwe Abayuda bizeye ku bwo agakiza bitashoboye gukiza Isirayeli gusenga ibigirwamana. Yafatanije Yesu Kristo na kahise kose k'Abayuda. Yarerekeje ku nyubako y'urusengero rwa Salomo, no ku majambo ya Salomo na Yesaya:«Yarnara Isumbavyose ntiba mu zubakishijwe amaboko nkuko uwavugishijwe n'Imana yavuze, ati Ijuru ni ryo ntebe yanje y'ubwami, isi nayo ni indava y'ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki ? Ni ko Uhoraho abajije, canke nzoruhukira ahantu ki ? Mbega intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose ?»IN 51.3

    Maze Stefano ageze ngaho, haduka induru mu bantu. Igihe yafatanya Kristo n'imburi z'abavugishwa n'Imana kandi akavuga ku vy'urusengero, umuherezi yigirisha nk'uwukubiswe n'inkuba ku bw'ayo majambo y'agacamutwe, yitantamurirako impuzu. Ku bwa Stefano iki cari ikimenyetso ko bidatevye ijwi ryiwe rigiye kuzimangana burundu. Yabonye ingene amajambo yiwe yakiriwe nabi, kandi atahura ko yariko aratanga igishingantahe ca nyurna. Nubwo yari agejeje amajambo yiwe hagati, aca arasozera bukwi na bukwi. Ahagarika ivyo yariko aravuga kuri kahise yariko arakurikirana, ahindukirira abacamanza biwe banizwe n'ishavu, arasemerera ati: «Yemwe abatagondwa izosi, mwa ntakebwa mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bakora, niko namwe mukora. Ni nde mu bavugishijwe n'Imana basogokuruza banyu batahamye ? Bishe ababanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica: ari mwebwe mwahawe ivyagezwe bizanywe n'abamarayika, ntimwavyitondera.»IN 52.1

    Abaherezi n'abakuru bavyumvise ishavu riraziriringa. Bifata nk'inyamaswa aho kwifata runtu, basimbira kuri Stefano bamuhekenyera imisaya. Uwo mufungwa abonye mu maso yabo y'ibirandamuke atahura ko ivyiwe birangiye; ariko ntiyahungabanye. Kuri we ubwoba bw'urupfu bwari bwayonze. Kuri we uburakari bw'abaherezi n'abanyagihugu nti vyamutera ubwoba. Ibiri imbere yiwe ntiyabihanga amaso. Kuri we inzugi z'ijuru zari zuguruye, maze araba yo, abona ubwiza bw'ibirimba vy'Imana, na Kristo, nk'uwuhagaze ava ku ntebe y'ubwami, yiteguye gushigikira umusuku wiwe. Stefano asemerera mu majambo y'intsinzi, ati«Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n'Umwana w'umuntu ahagaze i buryo bw'Imana.»IN 52.2

    Ubwo yerekana ubwiza bw'ivyo bintu amaso yiwe atangariye, abamuham.a ntibashobora kuvyihanganira. Biziba amatwi, ngo nti bumve amajambo yiwe, bayogora n'amajwi arenga, bamugwirako icarimwe, «bamuhindira inyuma y'igisagara.» «Bicisha Stepfano amabuye, yambaza Imana, avuga ati, Mwami Yesu akira ubugingo bwanje. Araheza arapfukama, asemerera n'ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharureko icaha. Amaze kuvuga atyo, aca aracikana.» Nta ngingo y'ubutungane n'imwe yafashwe kuri Stefano, ariko abategetsi b'Abaroma bahawe igifukamunwa c'amahera menshi ngo ntibagire itohoza kuri ivyo bintu. Urupfu rwa Stefano rwakoze ku mitima y'ababibonye bose. Urwibutso rw’ ikimenyetso c'Imana mu maso hiwe; amajambo yiwe yakoze ku mitima y'abayumvise, vyagumye mu bwenge bw'abari aho, bishingira intahe ukuri yatangaje. Urupfu rwiwe rwababaje ishengero, ariko rwatumye Sauli yizera, uwutashobora kwibagira ukwizera n'umutekano w'uyo mimtu yapfuye azira ukwizera kwiwe, n'ubwiza bwabonetse mu maso hiwe.IN 52.3

    Mu rubanza n'urupfu vya Stefano, Sauli yasa n’ uwafashwe n'ibisazi. Mu nyuma, yashavujwe n'ugutahura mw'ibanga ko Stefano ahawe icubahiro n'Imana kandi yatituwe n'abantu. Sauli yakomeje guhama ishengero ry'Imana, abahiga buhongo, abafata mu mazu yabo, kandi abashikiriza abaherezi n'abakuru ngo babafunge, mbere babice. Ubuhizi bwiwe muri aka gahamo bwateye ubwoba Abakristo i Yerusalemu. Abategetsi b'Abaroma nta kigoro kadasanzwe bakoze ngo bahagarike ico gikorwa c'ubwicanyi, mbere bafashije Abayuda mu mpisho kugira ngo babiyegereze kandi bikundwakaze kuri bo.IN 53.1

    Inyuma y'urupfu rwa Stefano, Sauli yatowe ngo abe umwe mu bagize Sentare Nkuru y'Abayuda, baravye uruhara ruhambaye yagize muri urwo rupfu. Mu mwanya runaka yari igikoresho gikomeye mu minwe ya Satani, co kurwanya Umwana w'Imana. Ariko bidatevye, uyu yagize itoteza atiziganya yategerezwa gukoreshwa mu kwubaka iryo shengero yariko aratabagura. Uwuhambaye kuruta Satani yari yatoye Sauli ngo asubire mu kibanza ca Stefano yishwe azira ukwizera, ngo yamamaze ubutumwa bwiza kandi ababazwe ku bw'izina ryiwe, n'ugukwiragiza kure kandi mu turere twagutse, inkuru nziza y'agakiza kabonekera mu maraso yiwe.IN 53.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents