Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 19: Umuyuda N’ Umunyamahanga

    Iki kigabane gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 15:1-35.

    Bavuye muri Antiyokiya i Siriya, aho bari bavuye barungitswe ngo baje kuvuga ubutumwa, Paulo na Barunaba baboneyeho akaryo ko gukoranya ishengero, babiganira ivyo Imana yakoranye nabo vyose, n'ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.» Ivyakozwe n'Intumwa 14:27. Ishengero ry'i Antiyokiya ryari rinini kandi rikura. Wari umutima w'igikorwa c'ivugabutumwa, umwe mu migwi minini y'abizera b'Abakristo. Abakristo baho bari bagizwe n'abantu bava mu migwi itandukanye, yo mu Bayuda n'Abanyamahanga. ,Igihe intumwa zifatanya n'abavugabutumwa n'abakorerabushake i Antiyokiya bagerageza kuzana imitima kuri Kristo, Abayuda bamwe bakomoka i Yudeya «bo mu mugwi w'Abafarisayo» baroranirwa mu kwinjiza ikibazo kitatevye kuzana ibihari mw'ishengero, no gutera uruhagarara abizera bakomotse mu bapagani. Abo bigisha bumiye ku migenzo ya Kiyuda, bavuga bashize amanga ko kugira umuntu akizwe ategerezwa gukebwa no gukurikiza imihango yose y'ivyagezwe. Paulo na Barunaba bahangana n'iyi nyigisho y'ikinyoma, kandi babuza ko lyo nyigisho igezwa ku banyamahanga. Ku rundi ruhande, benshi mu bizera b'Abayuda b'i Antiyokiya bashira imbere ingingo ya bene Data bavuye i Yudeya. Abayuda bahindutse Abakristo nti bari biteguye kujana vuba vuba n'ukuntu Imana yagenda yugurura inzira. Ibikorwa vy'intumwa mu banyamahanga vyagaragaje ko abahindutse bavuye mu Banyamahanga barushiriza kwiyongera kuruta abavuye mu Bayuda. Abayuda batinya ko ni bava ku mihango y'ivyagezwe vyabo ntibabihambirire ku banyamahanga nk'itegeko ntabanduka ryo kubarekurira kwinjira mw'ishengero, akaranga kabo k'Ikiyuda, kamye kabatandukanya n'ayandi mahanga, kazohava kazimangana muri abo bakiriye ubutumwa bwiza.IN 98.1

    Abayuda bari bamye na ntaryo bishira hejuru ku bwo imihango yabo bategetswe n'Imana, kandi benshi mu bahindukiriye Kristo bakomeje kwiyumvira ko kubera Imana yaberetse uburyo bwo gusenga, ntivyoshoboka ko yemera ihinduka iryo ari ryo ryose. Bashimitse kuvuga ko ivyagezwe n'imihango y'Ikiyuda itegerezwa kwinjizwa mw'idini ya Gikristo. Baratevye gutahura ko ibimazi vyose vy'impongano atakindi vyari bigendereye kiretse gushushanya urupfu rw'Umwana w'Imana, ku buryo muri rwo ishusho yahwanye n'ico yashushanya, kandi ko inyuma y'urwo rupfu imigenzo n'imihango ya Mose itari igihambiriwe ku bantu. Paulo atarahinduka, yiraba nk'inziramugayo «Ku vy'ukugororoka kuzanwa n'ivyagezwe.» Ab'i Filipi 3:6. Ariko amaze guhinduka mu mutima yatahuye neza igikorwa c'Umukiza nk'Umucunguzi w'abantu bose, abanyamahanga n'Abayuda, kandi yiga gutandukanya ukwizera kuzima n'umugenzo w'idini. Kubw'umuco w'ubutumwa bwiza, imihango n'integuro zo gusenga vya kera vyari vyahawe Isirayeh vyagize ubusobanuro busha kandi bwimbitse. Ivyari ibitutu vyategerezwa guhita, maze ababa mu gihe c'ubutumwa bwiza bakabikurwako. Ariko amabwirizwa cumi y'Imana, Paulo yakomeje kuyitondera mu buryo bwa Mpwemu no mu buryo bw'inyuguti. Mw'ishengero ry'i Antiyokiya, ikibazo co gukebwa cazanye ibihari n'uruhagarara. Vyabaye kera, abizera, ku bwo gutinya ko ivyo bihari bibandanije vyohava bizana ukwicamwo ibice, bafata ingingo yo gutuma i Yerusalemu Paulo na Barunaba hamwe n'abandi barongozi b'ishengero, ngo bashire ico kibazo imbere y'intumwa n'abakurambere. Bategerezwa kuhahurira n'intumwa zivuye mu mashengero atandukanye, hamwe n'abaje i Yerusalemu mu masabukuru yari yimirije. Muri ico gihe ibihari vyose vyategerezwa guhagarara kugeza habonetse ingingo ya nyuma ivuye aho bazobishira mu nama ya bose. Iyo ngingo rero yategerezwa gukurikizwa n'abantu bo mu mashengero yo mu mihingo yose.IN 98.2

    Mu nzira baja i Yerusalemu, intumwa zagendeye abizera mu bisagara baciyemwo, maze babakomeza mu kubabwira ivyabashikiye mu gikorwa c'Imana n'ihinduka ry'abanyamahanga. I Yerusalemu, intumwa z'i Antiyokiya zahwanye na bene Data bavuye mu mashengero menshi, bari bakoranye ku bwo inama rusangi, maze bababwira intsinzi baronse mu banyamahanga. Bababwira mu ncamake akajagari katewe n'Abafarisayo bahindutse bagiye i Antiyokiya bakemanga ko kugira abanyamahanga bakizwe bategerezwa gukebwa no kwitondera ivyagezwe vya Mose. Ico kibazo carizwe neza mu nama ya bose. Hamwe n'ico kibazo kijanye no gukebwa hari n'ibindi vyishi bikeneye kwihwezwa neza. Kimwe muri vyo cari cerekeye uko twokwifata imbere y'inyama z'ibitungwa vyashikaniwe ibigirwamana. Bamwe mu banyamahanga bahindutse hari ababana n'abantu b'ubwenge buke bakurikira ibintazi bashikanira ibimazi ibigirwamana. Abaherezi b'izo nsengero z'ibigirwamana baraheza bakagurisha ibisigaye ku vyo batanzeko ibimazi, maze Abayuda bagatinya ko abanyamahanga bahindutse bohava batukisha idini ya Gikristo mu kugura inyama zashikaniwe ibigirwamana, gutyo bakaba mu nzira nk'iyo basasiye indava imigenzo y'abasenga ibigirwamana.IN 99.1

    Ikigeretseko, abanyamahanga bari baramenyereye kurya inyama z'ibikoko binizwe, kandi Abayuda bobo bari barahawe n'Imana inyigisho ko iyo ibikoko bibazwe bigenewe kuribwa bategerezwa kwitonda bakavanamwo amaraso yose; bitari uko, iyo nyama yafatwa nk'iyihumanye.IN 99.2

    Imana yari yahaye Abayuda ayo mategeko kubwo gukingira amagara yabo.IN 99.3

    Abayuda babifata nk'icaha gukoresha amaraso nk'igifungurwa. Amaraso bayafata nk'ubugingo, kandi ko gusesa amaraso yari ingaruka y'icaha. Abanyamahanga bobo, bafata amaraso y'ibimazi bakayakoresha mu nteguro y'ibifungurwa. Abayuda ntibemera ko bategerezwa guhindura imigenzo bari bakiriye barongowe n'Imana. Uko rero ibintu vyari bimeze, Umuyuda n'umunyamahanga bicaye ku meza ngo basangire, Umuyuda yiyumva ko atsitajwe n'umunyamahanga.IN 100.1

    Abanyamahanga, na cane cane Abagiriki, ntaco bari bitayeho, kandi vyari no gushika ibara rikaduka, abantu batahindutse mu mutima bakakira ukwizera batahevye ibibi bakora. Abakristo b'Abayuda ntibashobora kwihanganira ubusambanyi, kandi abapagani batabubona ko ari ubugesera. Abayuda rero bagumye kuri iri jambo ko gukebwa no kwitondera imigenzo ya Kiyuda bibereye ku banyamahanga, ngo bibe ikimenyetso ko bahindutse bivuye ku mutima kandi ko bubaha Imana ata buryarya. Bizera ko ivyo bizobuza kwinjizwa mw'ishengero abantu batahindutse mu mitima, vyotuma ishengero ritukwa kubera ubusambanyi n'ukutigerera.IN 100.2

    Ingingo nyinshi zari muri ico kibazo nyamukuru zasa n'uko zihava zituma inama ija mu ngorane zikomeye. Ariko Mpwemu Yera, mu vy'ukuri, yari yamaze gutorera inyishu ico kibazo, cari ngenderwako ku bwo ubuzima bw'ishengero, mbere cari gikomeye ku buryo ishengero Rukristo ritari kubaho kidatorewe umuti. «Habaye imiburano myinshi, Petero ava hasi, arababwira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumvaijambo ry'ubutumwa bwiza. Bizere.» Yabajinjibuye kuri ico kibazo mu kubereka ko Mpwemu Yera yamanukiye n'ubushobozi bungana abanyamahanaga batakebwe n'Abayuda bakebwe. Yabibukije ivyo yeretswe, ingene Imana yazanye imbere yiwe igisa n'igihuzu cuzuye ubwoko bwose bw'ibigenza amaguru ane, ikamutegeka ngo niyice arye. Amaze kwanka, yiregura ko atigeze arya ikintu na kimwe gihumanye, maze ikamwishura ngo «Ivyo Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.» Ivyakozwe n'Intumwa 10:15.IN 100.3

    Petero aherako abasobanurira neza ayo majambo, yahawe nko ku gihe kimwe n'itegeko ryo kuja i muhira w'iyo ntwazangabo yatwara abasoda ijana, ngo ayigishe kwizera Kristo. Ubwo butumwa bwerekana ko Imana itarobanura abantu ku butoni, ahubwo yakiriye kandi yemeye abantu bose bayubaha. Petero yababwiye ingene yatangaye abonye, ariko arabwira ukuri abari bakoraniye kwa Koruneliyo, Mpwemu Yera aje kuri abo bantu bamwumviriza, baba abanyamahanga canke Abayuda. Wa muco wakayanganira abakebwe b'Abayuda, ni nawo wakayanganiye mu maso h'abanyamahanga batakebwe. Ivyo vyari bigendereye kugabisha Petero ngo ntarabe umuntu uwo ari we wese nk'uwuri musi y'abandi, kuko amaraso ya Kristo ashobora kwoza ubuhumane bwose. Imbere y'aho, Petero yari yasobanuriye bene data ivyo guhinduka kwa Koruneliyo na bagenzi biwe, n'ubumwe yagiranye nabo. Ubwo yababwira ico gihe ingene Mpwemu Yera yamanutse ku banyamahanga, avuga ati, «None ko Imana yabahaye ingabire imwe n'iyo natwe twahawe harnwe twizera Yesu Kristo, jewe ndi iki gishobora gutangira Imana ?» Ivyakozwe n'Intumwa 11:17. Ubu rero n'inkomezi nka za zindi nyene avuga ati: «Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk'uko yamuduhaye natwe; ntiyashiraho itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera, None rero ni igiki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batashoboye kwikorera canke twebwe ?» Uyu mutwaro nti vyari ivyagezwe cumi, nk'uko bamwe bavuga ko batakibiboheweko; Petero yavuga ng'aha ivyagezwe vy'imihango vyagizwe ubusa bigakurwaho n'umusaraba wa Kristo.IN 100.4

    Amajambo ya Petero yatumye abari ngaho bashobora kwumviriza Paulo na Barunaba bihanganye, igihe bavuga ivyabashikiye bariko barigisha abapagani. «Maze ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babiganira ibimenyetso n'ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.»Yakobo nawe nyene yashinze intahe yiwe ashimitse, avuga ko wari umugambi w'Imana ku banyamahanga guhabwa amahirwe n'imigisha yari yahawe Abayuda. Mpwemu Yera yabonye ko ari vyiza kudahambirira ivyagezwe vy'imihango y'ihema ryera ku bapagani bakiriye Kristo, kandi iciyumviro c'intumwa kuri ico kibazo cari iciyumviro ca Mpwemu w'Imana. Yakobo ni we yari arongoye iyo nama, kandi ingingo yiwe ya nyuma yari «Nuko rero inama yanje ni uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana.»IN 101.1

    Ivyo vyarangije ibihari. Ibi ni vyo bivuguruza inyigisho y'ishengero Katolika rya Roma, zivuga ko Petero yari umutwe w'ishengero. Abo bantu, nk'abapapa, bavuze ko ari basubiriye Petero, nta rufatiro rwo mu Vyanditswe Vyera bafise rwo kubashigikira. Nta kintu na kimwe mu buzima bwa Petero cemeza ko yashizwe hejuru ya bene Data nk'icegera c'Isumbavyose. Iyo aba bavugwa ko ari abasubirizi ba Petero bakurikiza akarorero kiwe, bari kwama banyurwa no kwishira na ntaryo ku rugero rumwe na bene Data. Muri aka karorero bigaragara ko Yakobo yari yatowe gutangaza ingingo yashitsweko muri iyo nama. Ni itangazo ryiwe ryavuze ko ivyagezwe vy'imihango, na cane cane icagezwe co gukebwa, bidategerezwa guhambirirwa ku bapagani, canke ngo basabwe kubikora. Yakobo yarondera gutahuza bene Data ko mu guhindukirira Imana, abanyamahanga bari bagize ihinduka rikomeye mu buzima bwabo, kandi ko bategerezwa kwiyubara ngo ntibabateshe umutwe ku bibazo vyo gukekeranya kandi bidafise akamaro kanini, vyotuma bacika intege mu gukurikira Kristo. Ariko, abapagani bahindukiriye Imana baategerezwa guheba imigenzo iteye kubiri n'inyigisho Rukristo. Nuko rero intumwa n'abakuru bemeranya kumenyesha abanyamahanga mw'ikete ko bokwirinda kurya ibiterekerewe ibigirwamana, ubusambanyi, ibikoko vyanizwe, n'amaraso. Bategerezwa kandi kwemezwa ko abo bantu bari bavuze ko gukebwa ari itegeko batari batumwe n'intumwa.IN 101.2

    Paulo na Barunaba berekanywe nk'abantu bari bahatswe agatwe kabo ku bwo ubutumwa bw'Umwami. Yuda na Sila barungikanywe n'izo ntumwa kubwira abapagani n'akanwa kabo ingingo y'iyo nama: «Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe ni uko, kutabikoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye; mureke kurya ivyaterekesherejwe ibigirwamana, n'amaraso, n'ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza.» Abo basuku b'Imana bane barungitswe i Antiyokiya bafise urwandiko n'ubutumwa vyategerezwa kurangiza ibihari; kuko ryari ijwi ry'ububasha bwo hejuru buri hano kw'isi. Inama yatoye inyishu y'iyo ngorane yari igizwe n'intumwa n'abigisha bari babaye intwari mu gushinga amashengero y'abapagam n'Abayuda, hamwe n'intumwa zivuye mu turere dutandukanye. Abakuru bavuye i Yerusalemu n'intumwa zivuye i Antiyokiya zari aho, kandi menshi mu mashengero akomeye yari yaserukiwe. Iyo nama yakoze yisimze ubwenge bumurikiwe, hamwe n'agateka k'ishengero ryashinzwe ku bwo ubugombe bw'Imana. Icavuye mu vyiyumviro vyabo, ni uko bose babonye ko Imana na yo yishuye ico kibazo mu gusuka Mpwemu Yera ku banyamahanga; kandi batahuye ko vyari bibereye ko bokurikiza uburongozi bwa Mpwemu.IN 102.1

    Ishengero ryose ry'Abakristo ntiryahamagawe ngo ryemeze ingingo yafashwe ku bwo ico kibazo. «Intumwa n'abakuru,» abantu b'ijunja n'ivyiyumviro birashe, barateguye bongera basohora iryo tegeko, ryemewe muri rusangi n'amashengero yose Rukristo. Ariko si bose bashimishijwe n'iyo ngingo. Hari igice ca bene Data barondera kwishira hejuru kandi biyemera, banse iyo ngingo. Abo bantu biyemeje gukora igikorwa nk'uko bishakiye. Batanguye kwidodomba cane no gutora abandi amakosa, bashaka gushiraho imigambi misha, no kurondera gusenyura igikorwa c'abantu Imana yarobanuriye kwigisha ubutumwa bwiza. Uhereye kera ishengero ryamye rihura n'intambamyi nk'izo, kandi rizokomeza guhura nazo gushika ku muhero w'isi. Yerusalemu cari igisagara gikuru c'Abayuda, kandi niho amacakubiri n'ukurobanurana vyarangwa. Abakristo b'Abayuda bagumanye ivyiyumviro vy'urusengero rw'i Yerusalemu bemereye ubwenge bwabo gusubira kwiyumvira imigisha n'amahirwe adasanzwe vyari vyahawe ihanga ry'Abayuda. Babonye ishengero Rukristo ryitandukanije n'imihango hamwe n'imigenzo ya Kiyuda, maze bakabona ko ubweranda budasanzwe bibaza ko buri mu migenzo ya Kiyuda bugiye kwibagiranwa bidatevye kubera uko kwizera gusha, benshi bashavuriye Paulo ngo ni we ahanini yatumye haba iryo hinduka. N'abigishwa ntibari biteguye bose kwemera ingingo y'iyo nama. Bamwe bagira umwete mu kwitwararika ivyagezwe vy'imihango, maze babona Paulo nabi, kuko biyumvira ko atitayeho ibijanye n'amategeko y'imigenzo ya Kiyuda. Ingingo z'iyo nama ya bose zazanye icizere mu bizera bavuye mu banyamahanga, kandi vyatumye igikorwa c'Imana kiroranirwa. Muri Antiyokiya ishengero ryashimishijwe no kubona Vuda na Sila, za ntumwa zidasanzwe zari zigarukanye n'intumwa zivuye mu nama y'i Yerusalemu.IN 102.2

    Na Yuda na Sila, kuko nabo bari abavugishwa n'Imana, bahura bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.» Abo bantu bubaha Imana baratevye gato muri Antiyokiya. «Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababwira ijambo ry'Umwami Yesu, bafatanije n'abandi benshi.»IN 103.1

    Igihe nyuma y'aho Petero yagendera Antiyokiya, yatumye abantu benshi bamwizera ku bwo inyifato yiwe y'ubwenge imbere y'abizera bavuye mu bapagani. Mu gihe gito yarakurikiye umuco wavuye mw'ijuru. Yaratsinze kandi ingeso ya kamere yiwe yo kwinubana, nk'iyo kudasangira n'abizera bakomotse mu bapagani. Ariko Abayuda batwarira hejuru mu guharanira ivyagezwe vy'imihango y'urusengero bashitse bavuye i Yerusalemu, Petero yaratirimutse arahindura inyifato yiwe imbere y'abizera bakomotse mu bapagani. Kandi n'abandi Bayuda «bahumbana nawe, bitayeko na Barunaba atwarwa n'ubwo buhumvyi bwabo.» Izi ntege nke zagaragaye ku bantu nk'abo bubahwa kandi bagakundwa nk'abarongozi, zababaje cane imitima y'abizera baje bava mu bapagani. Ishengero ryahatswe kwicamwo ibice. Ariko Paulo we, yabonye akaga k'iryo kosa rikorewe ishengero bivuye ku nyifato ya Petero yo kuba barimwotubiri, amukosorera imbere ya bose ku bwo iyo nyifato y'uburyarya. Imbere y'ishengero, Paulo abaza Petero ati, «ko wewe uri Umuyuda, ugobera ute abanyamahanga kuba nk'Abayuda?» Ab'i Galatiya 2:13,14.IN 103.2

    Petero yabonye ikosa yari yaguyemwo, yihutira uko ashoboye kose gukosora ikibi cari camuvuyemwo. Imana yo izi iherezo uhereye mw'itanguriro, yararetse Petero ngo yerekane intege nke z'ingeso yiwe kugira ngo iyo ntumwa yaciye mu kigeragezo ibone muri yo ko ata kintu na kimwe ifise co kwiratira. Naho yoba ari umuntu mwiza cane, igihe arekewe kuba wenyene, azokwihenda mu ngingo ziwe. Imana kandi yabonye ko mu gihe kizoza hariho abantu bazohendwa, nk'uko biri ku bigira abasubirizi biwe, bakiha ububasha bugenewe Imana yonyene. Ibi vyanditswe vyerekeye ubunyantege nke bw'iyo ntumwa, vyari bigendereye kuzoguma ari icemezo ko Petero ashobora gukora amakosa nk'abandi bantu bose, kandi ko atari hejuru y'izindi ntumwa.IN 103.3

    Iyi nkuru yo kuva ku mategeko igendereye kugabisha ku mugaragaro abantu bashizwe mu kibanza c'ubwizigirwa mu gikorwa c'Imana, ko badakwiye kuva mu nzira y'ubutungane, ahubwo ko bakwiye kwihambirira kw'itegeko. Uko umuntu ahabwa ibikorwa bihambaye, ni ko n'uburyo bwo gutegeka no kugenzura abandi bwiyongera, ni ko n'ubushobozi bwo kwonona bwiyongera, iyo adakurikije neza inzira y'Umwami Yesu, no gukora yisunze ingingo zashitsweko mu nama yakoranije abantu bose. Inyuma y'amakosa ya Petero, amaze kugwa no kwikosora, igikorwa ciwe gihambaye, ubumwe bwiwe na Kristo, kumenya ingene Umukiza agendera ku mategeko, amaze kuronka izo nyigisho zose, ingabire n'ubumenyi n'ijunja yagize mu kwamamaza no kwigisha ijambo ry'Imana- mbega ntibitangaje kubona yaratirimutse akava ku mategeko y'inkuru nziza ku bwo gutinya umuntu, canke ku bwo kurondera kwikundwakaza? Mbega ntibitangaje kubona yarahungabanye ku nyifato yiwe yo gukurikiza ukuri? Icompa Imana ikereka umuntu wese intege nke ziwe, ikamwereka ko adashoboye kurongora ubwato bwiwe ngo abushikane amahoro ku kivuko.IN 104.1

    Mu gikorwa ciwe, Paulo vyamusavye kenshi guhagarara wenyene. Yigishijwe cane cane n'Imana kandi ntiyigeze yemera kuva kw'itegeko. Rimwe na rimwe umutwaro wari uremereye, ariko Paulo yahagarariye ukuri ashikamye. Yatahuye ko ishengero ridategerezwa gutegekwa n'ubushobozi bw'umwana w'umuntu. Imigenzo n'amategeko y'abantu ntibitegerezwa gufata ikibanza c'ukuri kwahishuwe. Iterambere ry'ubutumwa bwiza ntiritegerezwa kuburabuzwa n'ubuhumvyi no kwihitiramwo vy'abantu, n'aho boba bafise igikorwa gihambaye gute mw'ishengero. Paulo n'inkomezi ziwe zose yari yaritanze atiziganije ku bwo igikorwa c'Imana. Ukuri kw'ubutumwa bwiza yari yakuronse kuvuye mw'ijuru ata muntu buciyeko, kandi mu gikorwa yagumanye ubumwe n'intumwa zo mw'ijuru. Yari yigishijwe n'Imana ku vyerekeye kudahambirira ku Bakristo bavuye mu bapagani imitwaro idakenewe; ni co gituma, igihe abizera bakomeje gukurikira imigenzo ya Kiyuda binjiza mw'ishengero ry'i Antiyokiya ikibazo co gukebwa, Paulo yatahuye iciyumviro ca Mpwemu w'Imana ku bijanye n'ico kibazo, maze afata ingingo itayegayega yazaniye amashengero umwidegemvyo ku vyerekeye imigenzo n'imihango ya Kiyuda. N'ubwo Paulo yari yiyigishirijwe n'Imana, nfiyagize ingorane zo gufata ingingo akurikije ubwenge bwiwe. Igihe yaba akirindiriye uburongozi bwTmana, yaremera ububasha buvuye mu nama y'abizera nk'ishengero. Yarakenera impanuro, kandi igihe habonetse ibibazo bikomeye, vyaramushimisha kubizana imbere y'ishengero, no gufatanya na bene Data mu gusenga Imana ngo ibahe ubwenge bwo gufata ingingo zibereye. Mbere yaravuze ati «Impwemu z'abavugishwa n'Imana ziganzwa n'abavugishwa n'Imana: Kuko Imana atari Imana y'umuvurungano, ariko ni iyo amahoro.» 1 Ab'i Korinto 14:32,33. Yifatanije na Petero kwigisha ko abizera bose bategerezwa «gukorerana» 1 Petero 5:5.IN 104.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents