Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 55: Guhindurwa N'ubuntu

    Ubuzima bw'intumwa Yohana ni akarorero k'ukwezwa nyakuri. Mu myaka yabanye mu bumwe na Kristo, kenshi yaragabishijwe kandi ahanurwa n'Umukiza; kandi yaremeye izo mpanuro. Ubwo kamere y'Uwo yari Imana yigaragaza kuri we, Yohana yabonye utunenge twiwe, kandi yacishijwe bugufi n'iryo hishurirwa. Buri musi, yitegereza ubugwaneza n'ukwihangana vya Yesu bitandukanye n'umutima wiwe w'uburandamuke, kandi yumva ivyigwa vyiwe vyo kwicisha bugufi no kwihangana. Buri musi umutima wiwe wakwegwakwegerwa kuri Kristo, gushika aho yibagira ukwikunda kwiwe ku bwo urukundo rw'Umwigisha wiwe. Ubushobozi n'ubugwaneza, ubwiza n'ukwicisha bugufi, mkomezi n'ukwihangana, yabonye mu buzima bwa misi yose bw'Umwana w'Imana, vyatangaje umutima wiwe. Yahebeye ubushobozi bwa Kristo buhingura umimtu bukamukuramwo agatima kiwe ko kwihora, kameremere yiwe yo kurondera ivyubahiro, maze urukundo rw'Imana rukora muri we igikorwa co guhindura kamere. Ukwezwa kwakorewe mu buzima bwa Yohana kwatandukanye cane n'ivyabaye kuri Yuda, umwigishwa mugenziwe. Co kimwe na mugenziwe, Yuda yavuga ko ari umwigishwa wa Kristo, ariko yari afise gusa ishusho yo kwubaha Imana. Ntiyari igitandara imbere y'ubwiza bwa kamere ya Kristo; kandi kenshi, ubwo yumviriza amajambo y'Umukiza, yarumva ko anyuzwe, ariko ntiyashobora kwicisha bugufi canke ngo yature ivyaha vyiwe. Mu kwanka kwumvira ubushobozi bw'Imana yakengereye Umwigisha yavuga ko akunda. Yohana yarwanije amakosa yiwe yivuye inyuma; ariko Yuda we yarwanye n'umutimanama wiwe, yemera gutsindwa n'ikigeragezo, yihambirira ku ngeso mbi ziwe. Gushira mu ngiro ukuri Kristo yigisha kwari gutandukanye n'ivyifuzo vyiwe n'imigambi yiwe, kandi ntiyemera guheba ivyiyumviro vyiwe ngo aronke ubwenge buva mw'ijuru. Aho kugendera mu muco, yahisemwo kugendera mu mwiza. Ivyifuzo bibi, gukunda amahera, kwihora, gutara mu nda ivyiyumviro vy'umwiza, yarabihaye icicaro mu mutima wiwe gushika aho Satani amutegeka ijana kw'ijana.IN 292.1

    Yohana na Yuda bagereranya abantu biyita abigishwa ba Kristo. Abo bigishwa bompi bari bafise amahirwe angana yo kwiga no gukurikiza ico Citegererezo c'Imana. Bompi bagendana na Yesu kandi bari bafise amahirwe yo kwumviriza inyigisho ziwe. Umwe wese yari afise udusembwa muri kamere yiwe; kandi umwe wese yari afise uburenganzira bwo kwegera ubwo buntu bw'Imana buhindura kamere. Ariko igihe umwe yariko yicisha bugufi akigira kuri Yesu, uwundi we yagaragaza ko adashira mu ngiro ijambo, ahubwo ko ari uwuryumva gusa. Umwe buri musi yapfa kuri kamere yiwe yo kwikunda kandi akanesha icaha, akerezwa mu kuri; uwundi we, yarwana n'ubushobozi buhindura bw'ubuntu kandi akimika ivyifuzo vyo kwikunda, agirwa imbohe ya Satani.IN 292.2

    Iryo hinduka rya kamere nk'iryo, ryabonetse mu buzima bwa Yohana, ryazanywe n’ ugushikirana na Kristo. Umuntu ashobora kuba afise utunenge muri kamere yiwe, ariko iyo abaye umwigishwa wa kristo w'ukuri, ubushobozi bw'ubuntu bw'Imana buramuhindura kandi bukamweza. Mu kwitegereza nko mu kiyo ubwiza bw'Umwami, ahinduka ava mu bwiza aja mu bundi, gushika aho asa n'Uwo asenga. Yohana yari umwigisha w'iikugororoka, kandi mu makete yiwe ku mashengero yerekanye amategeko adahenda arongora inyifato y'Abakristo. Yanditse ati, «Kandi umuntu wese amuzigako ivyo, ariyeza, nk'uko uwo ari uwera.» «Uwuvuga ko ahora muri We, akwiye na we kugenda nk'uko uwo yagenda.» 1 Yohana 3:3; 2:6. Yigishije ko Umukristo ategerezwa kwera mu mutima no mu buzima. Ntashobora gushimishwa n'ukwizera kutagira ibikorwa. Nk'uko Imana ari iyera mu rwego rwayo, ni ko n'umuntu yaguye, biciye mu kwizera Kristo, ategerezwa kuba uwera mu rwego rwiwe. Intumwa Paulo yanditse iti, «Ico Imana igomba, ni ukwezwa kwanyu.» 1 Ab'i Tesalonike 4:3. Kwezwa kw'ishengero ni co Imana igendereye mu vyo ikorera abantu bayo vyose. Yabatoranije kuva kera, ngo babe abera. Yatanze Umwana wayo ngo apfe ku bwabo, ngo bezwe biciye mu kwumvira ukuri, bakamburwa amasigarira yose y'ukwikunda. Ibasaba gukora umuntu ku giti ciwe, akitanga burundu ku giti ciwe. Imana iheshwa icubahiro n'abavuga ko bamwizeye, igihe gusa basa na Yo, kandi bagategekwa na Mpwemu wayo. Gutyo rero, nk'abashingira intahe Umukiza, bashobora kumenyesha abandi ico ubuntu bw'Imana bwabakoreye. Ukwezwa nyakuri kimyura mu gikorwa c'itegeko ry'urukundo. «Imana ni urukundo; kandi uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.» 1 Yohana 4:16. Ubuzima bw'umuntu kristo aba mu mutima wiwe, buzogaragaza ukwubaha Imana mu ngiro. Kamere izokwezwa, ikuzwe, ishimwe, yambikwe ubwiza. Inyigisho nzima zizovangana n'ibikorwa vy'ukugororoka; amategeko y'ijuru azovangana n'ibikorwa bitagira agasembwa.IN 293.1

    Abazohabwa imigisha yo kwezwa bategerezwa kubanza kwiga ico bisobanura kwitanga. Umusaraba wa Kristo ni yo nkingi kizigenza \ yenenako «ubwiza buremereye bw'ibihe bidashira.» Kristo avuga ati, «Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.» 2 Ab'i Korinto 4:17; Matayo 16:24. Ni ubumote bw'urukundo dukunda abantu bugaragaza urukundo dukunda Imana. Ni ukwihangana mu gufasha abandi kuzanira umutima akaruhuko. Ni mu kwiyorosha, kwitwararika, kuba umwizigirwa mu bikorwa ubutunzi bw'Isirayeli bwiyongera. Imana ishira hejuru kandi igakomeza umuntu yemera gukurikira inzira ya Kristo.IN 293.2

    Kwezwa si igikorwa c’ igihe, isaha, umusi, ahubwo ni igikorwa c'ubuzima bwose. Ntikuzanwa n'akantu karabije kanezereye umuntu, ariko kuzanwa no gupfa buri gihe ku caha, n'ukubana na ntaryo na kristo. Ibibi ntibishobora gukosorwa canke ngo bikurwe muri kamere n'utwigoro tudafashe, tw’ imbonekarimwe. Ni mu kigoro k'igihe kirekire, ko guhozako, kwibabaza, n'intambara ikaze, tuzoshobora gutsinda. Nta musi n'umwe dushobora kumenya ingene intambara ikurikira izoba ikaze. Igihe cose Satani akiri ku ngoma, tuzosabwa guheba ukwikunda, kurwana na ntaryo n'icaha ngo tuneshe; igihe cose tuzoba tukiriho, ntituzohumeka, nta ntambwe tuzoshikako ngo tuvuge ngo Narahejeje. Ukwezwa kuzova mu kwumvira kw'igihe kirekire kwo kubaho kw'umuntu. Nta n'umwe mu ntumwa n'abavugishwa n'Imana yigeze avuga ko atagira icaha. Abantu babaye hafi y'Imana kurusha abandi, abantu botanga ubuzima bwabo aho gukora ikibi bakizi, abantu Imana yateye iteka mu kubaha umuco n'ubushobozi bwayo, batuye ububi bwa kameremere yabo y'icaha. Ntibizeye umubiri, ntibiyise abagororotsi, ariko bizeye rwose ubugororotsi bwa Kristo.IN 294.1

    Uku ni ko bizoba ku bantu bose bitegereza Kristo. Uko twegera cane Kristo, maze tugatahura ubweranda bwa kamere yiwe, ni ko tuzobona neza ububi bw'icaha, kandi ntituzokwishira hejuru. Hazokwama hari ukurondera Imana, kwama tumeneka umutima twatura icaha kandi twicisha bugufi imbere yayo. Kuri buri ntambwe y'ubuzima bwacu nk'Abakristo ukwihana kwacu kuzorushiriza gushinga imizi. Tuzotahura ko Kristo wenyeye ari We aduhagije kandi tuzokwatura nka ya ntumwa tuti: «Ndazi yuko muri jewe, (muri kameremere kanje,) ata ciza kimbamwo.» «Ariko jewe sinkirate ikindi, atari umusaraba w'Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambwe, nanje isi nkayibera ikibambwe.» Abaroma 7:18; Ab'i Galatiya 6:14.IN 294.2

    Reka abamarayika bajejwe kwandika bandike kahise intamba- ra zera n'ingorane z'abantu b'Imana; reka bandike amasengesho yabo n'amarira yabo; ariko ntimutume Imana ikozwa isoni n'amajambo avuye mu kanwa k'abantu ngo, «Nta caha mfise; ndi umweranda.» Iminwa yejejwe ntizokwigera isokorora amajambo yo kwigamba nk'ayo. Intumwa Paulo yari yaradugijwe mw'ijuru rya gatatu kandi yari yabonye kandi yumva ibintu bitemewe kuvugwa, ariko amajambo yiwe yiyoroheje yabaye aya: «Si ukugira ngo mpejeje kugihabwa, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose: ariko ndabandanya.» Ab'i Fihpi 3:12. Reka abamarayika bo mw'ijuru bandike ivy’ intsinzi za Paulo arwana intambara nziza y'ukwizera. Reka ijuru rinezerezwe n'intambwe ziwe z'ubuhizi atera agana mw'ijuru, kandi agakurikira ingororano, aharura ibintu vyose nk'ivyondo. Abamarayika banezezwa no kuvuga intsinzi ziwe, ariko Paulo ntiyiratira ivyo yashitseko. Inyifato ya Paulo ni inyifato umwigishwa wa Kristo wese yari akwiye kugira ubwo akomeza urugendo rwiwe aja mw'ijuru akiranira urugori rudapfa.IN 294.3

    Abumva bahengamiye ku kwiyita abagororotsi, ni birabire mu cirore c'ivyagezwe vy'Imana. Uko bazobona uburemere bw'ivyo ivyagezwe bisaba, kandi bagatahura igikorwa ca vyo co gusoma mu vyiyumviro no mu ntumbero zo mu mutima, ntibazokwirata ngo nta caha bagira. Yohana yavuze, atariko aritandukana n'abavukanyi, ati, «Tuvuze yuko ata caha dufise, tuba twizimiza, kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.» «Tuvuze yuko ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi,IN 295.1

    kandi ijambo ryayo riba ritari muri twebwe.» «Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.» 1 Yohana 1:8,10, 9.IN 295.2

    Hari abavuga ko ari abagororotsi, bakemanga ko ari ab'Umwami buzuye, bakavuga ko bafise uburenganzira ku masezerano y'Imana, ariko banka kwubaha ivyagezwe vyayo. Abahonyanga ivyagezwe bifuza guhabwa ikintu cose casezeraniwe abana b'Imana; ariko ni abangushi, kuko Yohana atubwira ko gukunda Imana vy'ukuri bizogaragarira mu kwumvira ivyagezwe vy'Imana. Ntibihagije kwemera inyigisho z'ukuri, kwatura ko twizera Kristo, kwemera ko Kristo atari umwangushi, kandi ko idini rya Bibiliya atari imigani izimiza y'abantu. Yohana yanditse ati, «Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, ni umubeshi, ukuri ntikuri muri we. Ariko uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhinguwe muri we vy'ukuri: iki ni co kitumenyesha ko turi muri We.»IN 295.3

    «Uwitondera ivyagezwe vyiwe aba muri We, kandi na We aba muri we.» 1 Yohana 2:4,5; 3:24.IN 295.4

    Yohana ntiyigishije ko agakiza kagurwa n'ukwumvira; ahubwo yigishije ko ukwumvira ari icamwa c'ukwizera n'urukundo. Yavuze ati, «Murazi yuko yahishuwe kugira ngo akureho ivyaha, kandi ata caha kiri muri We. Umuntu wese aguma muri We ntakora ivyaha: uwukora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.» 1 Yohana 3 :5, 6. Nitwaguma muri Kristo, namba gukxmda Imana biba mu mutima, inyifato, ivyiyumviro, ibikorwa vyacu, bizohura n'ubugombe bw'Imana. Umutima wejejwe uhuza n'amategeko y'ivyagezwe vy'Imana. Hari benshi, naho bita ku rutare ngo bitondere ivyagezwe vy'Imana, bafise amahoro make canke akanyamuneza. Iki gihaze mu buzima bwabo kivana n'ukudakoresha ukwizera mu buzima bwabo. Bagenda nk'uko boba bariko bagendagenda kw'isi y'umunyu, ubugaragwa bwagadutse. Basaba bike, mu kibanza co gusaba vyinshi; kuko nta mbibe ziri ku masezerano y'Imana. Abantu nk'abo ntibatahura neza ukwezwa guca mu kwumvira ukuri. Umwami Imana yifuriza abahungu n'abakobwa bayo umunezero, amahoro, n'ukwumvira. Mu gukoresha ukwizera umwizera aronka iyo imihezagiro. Ku bwo kwizera, utunenge twa kamere turahera, umwanda wose ukozwa, ikosa ryose rigakosorwa, ikintu ciza cose kigakura.IN 295.5

    Isengesho ni yo nzira yategekanijwe n'ijuru, yo gutsinda intambara yo kurwanya icaha n'ugukuza kamere Rukristo. Ivyo Imana ikora nk'igisubizo c'isengesho ry'ukwizera, bizokora mu mutima w'uwutakamba ivyo vyose asaba. Dushobora gusaba ikigongwe c'ivyaha, gusaba Mpwemu Yera, kameremere nk'iya Kristo, ubwenge n'inkomezi zo gukora igikorwa cayo, ingabire iyo ari yo yose yasezeranywe; kandi isezerano ni iri, «Muzohabwa.» Ku musozi ari kumwe n'Imana ni ho Mose yitegereje ishusho ya ya nyubako yari yiteze kuba icicaro c'ubwiza bwayo. Ni kuri uwo musozi turi kumwe n'Imana-mu mishikirano y'umwiherero-dushobora kwitegereza umugambi w'agatangaza Imana ifitiye abantu. Mu myaka yose, biciye mu mishikirano n'ijuru, Imana yaranguye umugambi wayo ifitiye abana bayo, mu guhishurira ubwenge bwabo intambwe ku yindi inyigisho zerekeye ubuntu bwayo. Uburyo bwayo bwo gushikiriza ukuri bugaragarira muri ya majambo, «Nk'uko umutwenzi atacowubuza kuza, ni ko na We azoza.» Hoseya 6:3. Uwishira mu kibanza aho Imana ishobora kumumurikira, atera intambwe nk'uko vyamye, ava mu muco muke w'umutwenzi agashikira umuco ukayangana wuzuye w'igicamusi.IN 296.1

    Ukwezwa kw'ukuri gusobanura urukundo rwuzuye, ukugamburuka kwuzuye, uguhuza n'ubugombe bw'Imana kwuzuye. Dutegerezwa kuba inyegu z'Imana biciye mu kwumvira ukuri. Umutima wacu utegerezwa gutyororwa ibikorwa bipfuye kugira ngo dukorere Imana nzima. Ntituraba abatunganye; ariko dufise amahirwe yo kuvavanura n'ukwikunda n'icaha bitwizingirako, maze tugatera intambwe tugana ubugororotsi. Ubushobozi bwinshi, ibintu vyera kandi bihambaye dushobora gushikako, abantu bose bashobora kubishikira.IN 296.2

    Igituma benshi muri iki gihe isi igezemwo badatera imbere cane mu buzima bw'Imana ni uko biyumvira ko ubugombe bw'Imana bugarukira ku vyo bifuza gukora. Igihe bakurikira ivyifuzo vyabo, birya akara ngo bariko bakora ubugombe bw'Imana. Abo ntibarwana n'ukwikunda. Hari abandi mu gihe gito baroranirwa mu ntambara yabo barwana n'ukwikunda kurondera ibiryohera umubiri n'ukwamikara. Ni abanyakuri kandi baritanga, ariko bakadebukirwa mu kigoro kabo, ko gupfa na ntaryo buri musi, k'ingorane z'urudaca. Ubunebwe bisa n'uko bubakwegakwega, gupfa ku kwikunda bakabitera umugongo; maze bagahunikira kandi bagatsindwa n'ikigeragezo aho kugitsinda.IN 296.3

    Inyigisho zanditswe mw'ijambo ry'Imana nta kibanza ziha ukwifatanya n'ikibi. Umwana w'Imana yerekanywe ngo yikwegereko abantu bose. Ntiyaje kwingingira abantu guhwekerera mu gatiro, ahubwo yaje kwerekana inzira ipfunganye abantu bose bazokwegera amarembo y'igisagara c'Imana bategerezwa gucamwo. Abana biwe bategerezwa kugera ikirenge mu ciwe; bategerezwa kurwanya badahengeshanya ukwidibamira n'ukwikunda bakemera gutanga ikiguzi cose vyosaba. Ishimwe riruta ayandi abantu boshikanira Imana ni uguhinduka imiringoti yera Imana ishobora gukoreremwo. Ibihe birihuta cane. Ntitwime Imana ikimwegukira. Ntitumwime ikintu, naho kidashobora guhabwa umuntu atakibereye, kitabura kuzanira akaga uwutagihawe. Ishaka umutima utagabanije; ni muwuyihe; ni uwayo, ku bwo kuremwa no gucungurwa. Agusaba ubwenge bwawe; nubuyihe; ni ubwayo. Agusaba amahera yawe; nuyamuhe; ni ayayo. «Si mwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro.» 1 Ab’ i Korinto 6:19, 20. Imana isaba ko tuyishikanira umutima yiharije, witeguye, mu kwizera gukoreshwa n'urukundo, ngo uyikorere. Ishira imbere yacu urugero rwo hejuru, ni ukuvuga ubugororotsi. Idusaba kumwiyegurira muri iyi si nk'uko atwiyegurira imbere y'Imana.IN 296.4

    «Ico Imana igomba» ku bwanyu, «ni ukwezwa kwanyu.» 1 Ab’ i Tesalonike 4:3. Mbega ni ko na we uvyifuza? Ivyaha vyawe bishobora kuba bimeze nk'umusozi imbere yawe; ariko ni wicisha bugufi kandi ukatura ivyaha vyawe, wizeye ivyo Umukiza yabambwe kandi akazuka yagukoreye, azokubabarira kandi akwoze ibigabitanyo vyose. Imana igusaba ko witondera ivyagezwe vyayo ijana kw'ijana. Ivyagezwe vyayo bigaragaza rya jwi ryayo rivuga ngo, Ba mweranda rwose, ntuhengeshanye kuba mweranda rwose. Niwifuze ubuntu bwa Kristo bunengesereye. Reka umutima wawe uronderane igishika ubugororotsi, ca gikorwa ijambo ry'Imana rivuga ko ari amahoro, kikazana umutekano n'ugushira ubwoba ibihe vyose. Ubwo umutima wawe urondera Imana, uzokomeza kuronka ubutunzi bw'akataraboneka bw'ubuntu bwayo. Ubwo witegereza ubwo butunzi, uzoburonka kandi buzohishura ivyo ikimazi c'Umukiza cakumariye, uburinzi bw'ubugororotsi bwiwe, ubwenge bwiwe bunengesereye, n'ubushobozi bwiwe bwo kukwerekana imbere ya Data «mutagira ikirabagu, kandi mutagira umugayo.» 2 Petero 3:14.IN 297.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents