Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane oa 44 : Inzu Ya Kayisari

    Ubutumwa bwiza bwamye buronka intsinzi ikomeye mu bantu boroheje cane. «Abo ubwenge bw'abantu bahamagawe atari benshi, abakomeye bahamagawe atari benshi, abapfasoni bahamagawe atari benshi.» 1 Ab'i Korinto 1:26. Nti vyari vyitezwe ko Paulo, umukene kandi akaba n'imbohe itagira cefo ca ruguru, yokwitabwaho n'abakire kandi bahambaye bo mu Baroma. Ikibi ciyerekana nk'igikayangana kandi gikwegakwega abantu maze kikabagira imbohe. Ariko mu bakozi barushe, abahahazwa n'agahotoro k'abo bakire, mbere no mu boro bo mu bagurano, benshi barumvirije amajambo ya Paulo kandi mu kwizera Kristo baronka ivyizigiro n'amahoro yabazaniye umunezero mu buzima bwabo bw'imiruho. Ariko naho igikorwa ca Paulo catanguriye ku boroheje na ba nyarucari, caranyengetereye kirashika no mu cicaro c'umwami. Muri ico gihe Roma yari umugwa mukuru w'isi yose. Abakayisari bahambaye batanga amategeko yubahirizwa hafi na buri gihugu kiri musi y'izuba. Umwami n'abateramyi biwe ntibari bazi uwo muntu aciye bugufi w'i Nazareti canke naho bamurabana urwanko n'agasuzuguro. Ariko mu kiringo kiri musi y'imyaka ibiri ubutumwa bwiza bwariciriye inzira buva mu nzu yoroheje y'imbohe bwinjira mu birimba vy'umwami. Paulo aboshwe nk'inkozi y'ikibi; «ariko ijambo ry'Imana ntiriboshwe.» 2 Timoteyo 2:9.IN 240.1

    Mu myaka y'imbere Paulo yari yamamaje ubutumwa imbere y'abantu benshi, afise ubushobozi bukwega abantu, kandi ku bwo ibimenyetso n'ibitangaza yari yerekanye neza ko bwavuye ku Mana. Yari yahagaze ashize amanga hejuru y'abanyabwenge bo mu Bugiriki kandi ku bwo ubumenyi bwiwe n'imvugo yiwe ihiyanyuye yari yafunze akanwa ivyiyumviro vy'ubwenge bishira hejuru. Yari yahagaze ashikamye imbere y'abami n'abaganza, avuga ivyo ukugororoka, ukwigerera, n'urubanza rugiye kuza, kugeza aho abategetsi b'ubwibone bahinda umushitsi nk'uko umengo bariko barahangarana n’ ubwoba bw'umusi w'Uhoraho. Nta karyo bene ako iyo ntumwa yaronka ubu, kuko yaba mu nzu ya wenyene, kandi ata bandi yashobora kubwira ubutumwa bwiza kiretse abaza kumurondera aho. Nti yari yahawe itegeko nka Mose na Aroni ryo kuja imbere y'uwo mwami w'inshirasoni ngo mw'izina rya Ndiho amukankamire ku bwo ububisha n'agahotoro vyiwe. Ariko muri ico gihe nyene, aho umuvugizi wayo yasa n'aho adashobora gukorera ahabona, ni ho intsinzi ikomeye y'ubutumwa bwiza yabonekeye; kuko mu nzu y'umwami nyezina, havuye abantu biyongeye kw'ishengero.IN 240.2

    Nta hantu na hamwe hari intambamyi ku Bukristo nko mu kirimba c'i Roma. Nero yasa n'aho yazimanganije mu mutima wiwe ishusho y'Imana, mbere n'iyo umuntu, maze yambara iya Satani. Abafasha n'abahanuzi biwe nabo nyene basa na we-ibirandamuke, bataye akabanga, bononekaye mu ngeso. Ku maso y'abantu vyasa n'uko bidashoboka ko Ubukristo bukandagira mu kirimba no mu ngoro kwa Nero. Ariko, aha nyene, nk'uko vyabaye mu bindi bibanza, ni ho hagaragariye ukuri kwa ya majambo Paulo yavuze ngo ibirwanishwa vy'intambara yiwe «bifise ubushobozi bwo gusenyura intamenwa.» 2 Ab'i Korinto 10:4. Mbere no mu nzu ya Nero, intsinzi z'umusaraba zarabonetse. Mu bateramyi babi b'umwami arusha bose kuba mubi habonetse abantu bakiriye Kristo bahinduka abana b'Imana. Aba ntibabaye Abakristo mu mpisho, ahubwo babaye Abakristo izuba riva. Ntibakojejwe isoni n'ukwizera kwabo.IN 241.1

    None vyagenze gute ngo inzira iboneke kandi Ubukristo bukandagire aho vyasa n'uko bidashoboka? Mw'ikete ryiwe yandikiye Ab'i Filipi, Paulo avuga ko iyo ntsinzi yo kuronka abizera Kristo mu nzu ya Nero ayikesha imvuto ziwe. Ku gutinya ko bokwibaza ngo imibabaro yiwe yabereye intambamyi ubutumwa bwiza, yabahumurije avuga ati: «Bene Data, nagomba ko mumenya yuko ivyambayeko cane-cane vyashize imbere ubutumwa bwiza.» Ab'i Filipi 1:12.IN 241.2

    Igihe Abakristo ubwa mbere bumva ko Paulo azogendera I Roma, babibonye nk'ikimenyetso c'intsinzi y'ubutumwa bwiza muri ico gisagara. Paulo yari yaramamaje ukuri mu turere twinshi; yari yarakwamamaje mu bisagara bininibinini. Mbega tivyashoboka ko iyo ntwari mu kwizera iroranirwa mu kuzanira Kristo imitima no mu mugwa mukuru w'isi? Ariko ivyizigiro vyabo vyarayonze igihe bumva inkuru yuko Paulo yari yagiye i Roma ari imbohe. Bari bizeye badakekeranya ko ubutumwa bwiza, nibwashinga imizi muri ico gisagara cari umutima w'isi yose, buzosanzara bidatevye mu mahanga yose, maze bugahinduka ikintu c'ububasha kw'isi. Mbega ingene bacitse inkokora! Ivyizigiro vya kimuntu vyari vyatakaye, ariko umugambi w'Imana wo si ko vyari. Ikirimba nticitaho insiguro za Paulo, ahubwo imvuto ziwe ni zo zakweze abantu kwizera Kristo. Imigozi yari iboheye abantu benshi mu caha, yayicagaguye ari imbohe. Yavuze ati: «Kandi abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, baremoshejwe n'ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry'Imana bashize amanga.» Ab'i Filipi 1:14.IN 241.3

    Ukwihangana n’ akanyamuneza vya Paulo mu gihe kirekire c'umunyororo wiwe w'akarenganyo, ubugabo n'ukwizera vyiwe, vyabaye na ntaryo inyigisho. Umutima wiwe utari uri nk'uwo ab'isi, washinga intahe ko muri we hari ubushobozi buruta uburi mw'isi. Kandi ku bwo akarorero kiwe, Abakristo baronse inkomezi zihambaye nk'abashingira intahe ibikorwa vyo ku mugaragaro Paulo yari yarateshejwe gukora. Muri iyo nzira, imvuto za Paulo zakoze igikorwa gihambaye, ku buryo igihe inkomezi ziwe n'akamaro kiwe vyasa n'uko vyaciwe, kandi bakabona ko umengo nta kintu gihambaye yoshikako, ni ho nyene yashoboye kwegeraniriza Kristo umwimbu akuye mu miriia vyasa n'uko yirukanywemwo. Imbere y'uko iyo myaka ibiri y'umunyororo ihera, Paulo yashoboye kuvuga ati, «Ingoyi zanje zo ku bwa Kristo zimenyekana mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose,» kandi bamwe mu batumye indamutso ku Bafilipi bavuga ahanini!«ko bari abo mu rugo kwa Kayisari.» Umurongo wa 13; 4:22.IN 242.1

    Ukwihangana co kimwe n'ubushizi bw'amanga bifise intsinzi. Ku bwo ubwitonzi mu mageragezwa, n'umwete mu bikorwa, imitima yoshobora kunyagwa igashikanirwa Kristo. Umukristo agaragaza ukwihangana n'akanyamuneza mu kigandaro n'imibabaro, akakira urupfu mu mahoro n'umutekano w'ukwizera kudahungabana, yokora vyinshi ku bwo ubutumwa kuruta ivyo yari gukora mu buzima burebure bw'ibikorwa bitunganye. Kenshi iyo umusuku w'Imana avanywe mu bikorwa vya misi yose, inzira zitangaje z'Imana amaso yacu atabona kure yibaza ko ari ubuhombe Imana izikoresha mu kurangura igikorwa kitari gushoboka mu bundi buryo. Umwigishwa wa Kristo igihe atagishoboye gukora ku mugaragaro kandi ashimitse ku bwo Imana n'ukuri, ntiyiyumvire ko ataco yofasha, ko ata gahembo yoronka. Abashingira intahe Kristo b'ukuri ntibigera bakumirwa. Bafise amagara meza canke barwaye, mu buzima canke mu rupfu, Imana ikomeza kubakoresha. Kubona abasuku ba Kristo bahamwa kubera ububi bwa Satani, ibikorwa vyabo bikaburabuzwa, kubona batawe mw'ibohero, bakamanikwa canke bagaturirwa, kwari ukugira ngo ukuri kuronke intsinzi irushirije kuba iyihambaye. Ubwo abo bayoboke bateresha igikumu amaraso yabo ku gishingantahe cabo, abantu bari bakiri mu gukekeranya baranyuzwe bemera Kristo kandi bahagarara ku ruhande rwiwe bashize amanga. Mu minyota y'abapfuye bazira ukwizera havuyemwo umwimbu mwinshi w'Imana.IN 242.2

    Umwete n'ubwizigirwa vya Paulo n'abafasha biwe, co kimwe n'ukwizera n'ubugamburutsi bw'aba bakiriye Kristo mu bihe biruhije, bitunga urutoke ubunebwe n'ukutizera kw'abakozi ba Kristo. Iyo ntumwa n'abo bikorana bategerezwa kuba barivuganye bati ntaco bimaze guhamagarira kwihana no kwizera Kristo abasuku ba Nero, mu gihe bari bahanzwe n'ibigeragezo bikomeye, bahanzwe n'ingorane nyinshi, kandi barwanywa biteye ubwoba. Naho bari kwemera ukuri, bashobora gute kugamburukira Imana? Ariko Paulo ntiyiyumviriye gutyo; yababwiye ubutumwa bwiza mu bwizigirwa, kandi mu bumvise amajambo yiwe hari bamwe bafashe ingingo yo kugamburuka batitayeho ibizobashikira. Batitayeho intambamyi n'akaga, barakiriye umuco, kandi bizera ko Imana izobafasha ngo umuco wabo ukayanganire abandi. Abantu ntibakiriye ukuri mu nzu kwa Kayisari gusa, ahubwo bamaze guhinduka bagumye muri iyo nzu nyene. Ntibahisemwo guheba igikorwa bajejwe ngo ni uko abo bibana batazoborohereza. Ukuri kwari kwabasanze aho kandi aho nyene ni ho bagumye, bagaragaza ku bwo ubuzima bwabo bwahindutse hamwe na kamere kabo, ubushobozi bw'uko kwizera gusha guhindura abantu.IN 242.3

    Hoba hari bamwe bafata ubuzima barimwo nk'icitwazo co kudashingira intahe Kristo? Nibarabire kuri abo bigishwa bo mu nzu ya Kayisari-ububi bw'uwo mwami, ubushurashuzi bwo mu kirimba. Nta buzima bwobera intambamyi idini, kandi bwosaba ukwitanga canke bwoba mu ngorane, kuruta ubwo abo bizera basha barimwo. Ariko hagati y'ingorane n'akaga bagumye ari abizigirwa. Kubera intambamyi zisa n’ izo umuntu atokwihanganira, Umukristo ashobora kurondera ivyitwazo vyo kutagamburukira ukuri nk'uko kuri muri Yesu; ariko nta co afise yokwireguza. Abishoboye yaba yerekanye ko Imana irenganya, kuko yoba yashize abana bayo ahantu agakiza kadashoboka. Uwufise umutima wanamvye ku Mana azoronka akaryo ko kumushingira intahe. Ingorane • nta nkomezi zizogira ngo zibuze uwahisemwo kwitwararika ubwami bw'Imana n'ukugororoka kwayo. Mu nkomezi aronkera mu gusenga no mu kwiga ijambo ry'Imana, azorondera ibitunganye kandi ahebe ibibi. Mu kurangamiza ■ kuri Yesu Uwatanguje kandi Azorangiza ukwizera, yihanganiye abayavyaha bamurwanya, umwizera azokwihanganira abamuhaririza n'abamutwenga. Kandi ubufasha n'ubuntu buhagije mu gihe cose vyarasezeranywe na We, mudahemuka kw'ijambo. Amaboko yiwe ahoraho akikiza umuntu amwegera akeneye ubufasha. Mu mababa yiwe dushobora kurindwa neza, tukavuga duti, «Igihe cose ntinye, nzokwizigira.» Zaburi 56:3. Ku muntu wese ayizigiye, Imana izoshitsa isezerano ryayo.IN 243.1

    Mu karorero kiwe, Umukiza yarerekanye ko abigishwa biwe bashobora kuba mw'isi ariko atari abo isi. Ntiyazanywe no gusangira iminezero y'ubuhendanyi, gutwarwa n’ imigenzo, no gukurikira ibikorwa vyayo, ahubwo yazanywe no gukora ubugbmbe bwa Se, kurondera no gukiza abazimiye. Umukristo agumije ibi bintu ku muzirikanyi, ashobora guhagarara atandujwe n'abamukikije. Uko yoba canke aho yoba hose, yaba uwuhambaye canke uworoheje, azogaragaza ububasha bw'idini y'ukuri mu gukora ivyo ajejwe mu bwizigirwa.IN 243.2

    Kamere Rukristo ntikurira mu mwidegemvyo utagira imibabaro, ahubwo ikurira hagati yayo. Iyo ahanzwe n'urwanko n'abamurwanya ni ho umwigishwa wa Kristo yiyubara cane kandi agasenga bikomeye wa Mufasha nyene ubushobozi. Imibabaro ikomeye iyo yihanganiwe ku bwo ubuntu bw'Imana, izana ukwihangana, kuba maso, ubutwari n'ukwizigira Imana cane. Ni intsinzi y'ukwizera Rukristo ishoboza abigishwa biwe kubabazwa ariko bakagumana inkomezi; kugamburuka ariko kandi bagatsinda; kwicwa imisi yose ariko bakabaho; kwikorera umusaraba, kandi muri ubwo buryo bagatsindira.urugori rw'ubwiza.IN 244.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents