Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 26: Apolo I Korxnto

    Iki Kigabane gishimikiye ku Vyakozive n'Intwmva 18:18-28.

    Amaze kuva i Korinto, ahandi hantu Paulo yakoreye ni muri Efeso. Yari mu rugendo atumbera i Yerusalemu guhimbaza umusi mukuru wari wimirije kuba, kandi umwanya yamaze muri Efeso wategerezwa kuba muto. Yahaririye n'Abayuda mw'isinagogi, kandi amajambo yiwe yabakoze ku mutima ku buryo bamusavye ngo abandanye gukorera muri bo. Umugambi wiwe wo kugendera Yerusalemu wamubujije kuhateba, ariko yabasezeraniye ko azosubira kubaraba, «Imana niyabikunda.» Akwila na Purisikila bari bamuherekeje i Efeso, maze abasigayo ngo aje gukora igikorwa yari yaratanguye. Ni muri ico gihe «Umuyuda yitwa Apolo, amamuko yiwe ni muri Alekisanderiya, yari umuntu w'ubwenge, ashika muri Efeso.» Yari yarumvise inyigisho za Yohana Umubatizi, abatizwa umubatizo wo kwihana, kandi yari icabona kizima ko igikorwa c'uwo muvugishwa n'Imana kitabaye impfagusa.Ivyanditswe vyera bivuga kuri Apolo ko «yari yigishijwe inzira y'Umwami wacu, acanirwa mu mutima n'umwete, yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye, yari azi umubatizo wa Yohana gusa.»IN 140.2

    Igihe yari i Efeso, Apolo «atangura kuvuga mw'isinagogi ashize amanga.» Mu bamwumvirije harimwo Akwila na Purisikila, babonye ko atararonka umuco wose w'ubutumwa bwiza, «bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y'Imana.» Mu nyigisho zabo yatahukiwe neza Ivyanc'.itswe Vyera kandi aba umwe mu barwanira ukwizera Rukristo.IN 140.3

    Apolo yarifuza kujabuka muri Akaya, maze bene Data b'i Efeso «bandikiva abigishwa ngo bamwakire» nk'umwigisha yuzuye mu vyo ishengero rya Kristo. Yagiye i Korinto, aho yakoreye ku mugaragaro n'urugo ku rundi, «atururuza Abayuda... abereka mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.» Paulo yari yabivye imbuto y'ukuri, Apolo nawe arayivomera. Intsinzi Apolo yagize mu kwigisha ubutumwa bwiza, yatumye abizera bamwe bashira hejuru ibikorwa vyiwe babirutisha ivya Paulo. Iri higanishwa ry’ umuntu n'uwundi ryazanye mw'ishengero agatima ko kwirema ibice katumye igikorwa c'ubutumwa bwiza gisubira inyuma cane.IN 140.4

    Mu kiringo c'umwaka n'igice Paulo yamaze i Korinto, yabigize ibigirankana yigisha ubutumwa bwiza mu buryo bworoheje cane, ntiyaje mu Bakorinto «ari agakura mu majambo canke ubwenge; ahubwo yabanye nabo afise intege nke n'ubwoba, ahinda agashitsi, kandi «yashingiye intahe Imana» «mu mvugo yaserutsemwo Mpwemu n'ubushobozi,» kugira ngo ukwizera kwabo «ntiguhagarare mu bwenge bw'abantu, ariko guhagarare mu bushobozi bw'Imana.» 1 Ab'i Korinto 2:1, 4, 5. Paulo vyabaye ngombwa ko inyigisho yiwe yisunga imibereho y'ishengero. «Kubwanje, bene Data, sinashoboye kubabwira nk’ ab'impwemu,» hanyuma yabasiguriye ati «ariko nababwiye nk'abaganzwa na kameremere k'imibiri yabo, nk'abana b'inzoya bo muri Kristo. Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye: kuko mutari bwabishobore. Kandi na none ntimurabishobora.» 1 Ab'i Korinto 3:1,2. Benshi mu bizera b'i Korinto bari batahuye buhoro buhoro inyigisho yagerageje kubigisha. Ugukura kwabo mu vya Mpwemu ntikwajanye n'uburyo n'amahirwe bari bafise. Aho bari kuba bageze kure mu buzima Rukristo, maze bagashobora gutahura no gushira mu ngiro ukuri kwimbitse kw'ijambo ryTmana, bahagaze hamwe abigishwa bari igihe Yesu yababwira ati, «Nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.» Yohana 16:12. Ishari, ukwikekana, n'ukuregana vyari vyarugaye imitima ya benshi mu Banyakorinto bibuza igikorwa cuzuye ca Mpwemu Yera, «asesa vyose, n'ibihishijwe vyTmana.» 1 Ab'i Korinto 2:10. Naho bari abanyabwenge mu vy'isi, bari bakiri inzoya mu bumenyi bwa Kristo.IN 141.1

    Cari igikorwa ca Paulo kwigisha abizera b'i Korinto ibintu vyoroheje vy'inyigisho z'intango z'ukwizera Rukristo. Vyari vyabaye ngombwa ngo abigishe nk'abataco bazi ku vyerekeranye n'ubushobozi bw'Imana ku mutima. Muri ico gihe ntibashobora gutahura amabanga y'agakiza; kuko «umuntu afise umubiri n'ubwenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w'Imana: kuko ari ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bw'impwemu.» Umurongo wa 14. Paulo yari yagerageje kubiba imbuto, iyo abandi nabo bazovomera. Abamukurikiye bategerezwa kubandanya igikorwa aho yakigejeje, bagatanga umuco wa Mpwemu n'ubwenge mu gihe kibereye, uko ishengero ryoshobora kuwakira.IN 141.2

    Igihe iyo ntumwa yatangura igikorwa i Korinto, yatahuye ko ategerezwa kwitonda mu kwinjiza inyigisho zihambaye yari agendereye kwigisha. Yari azi ko mu bamwumviriza hazobamwo abizera bishira hejuru ku bwo inyigisho z'abantu, n'abigisha uburyo butari bwo bwo gusenga, barondera nk'impumyi, bizeye ko mu bitabu vy'inyigisho z'ibidukikije bosangamwo amajambo yo kuvuguruza ukuri kw'ivya Mpwemu n'ubugingo budashira nk'uko bihishurwa mu Vyanditswe Vyera. Yari azi kandi ko hazoba ibihari vy'abogerageza kuvuguruza ubusobanuro Rukristo bw'ijambo ryahishuwe, kandi ko ba ntibanyurwa bazosuzugura ubutumwa bwiza bwa Kristo, bakabutwenga.IN 141.3

    Ubwo yagerageje kuzana imitima ku birenge vy'umusaraba, Paulo ntiyigerejeko mu gukankamira imbona nkubone abantu b'ingeso mbi, canke ngo yerekane ingene icaha ari igisesema imbere y'Imana Yera. Ahubwo, yashize imbere yabo intumbero nyakuri y'ubuzima, kandi agerageza gushimangira mu bwenge bwabo inyigisho za wa Mwigisha yavuye ku Mana, zimwe iyo zakiriwe, zizobavana mu vyiyummviro vy'isi n'icaha, zikabajana ku bweranda n'ubugororotsi. Yashize cane akatuzo ku kwubaha Imana mu buzima bwa misi yose, n'ubweranda abazemerwa nk'ababereye ikibanza mu bwami bw'Imana bategerezwa gushikako. Yipfuje kubona umuco w'ubutumwa bwiza bwa Kristo utobekeranya umwiza w'ivyiyumviro vyabo, ngo batahure ingene ibikorwa vyabo vy'ubushirasoni bibabaza Imana. Umutwaro rero w'inyigisho ziwe muri bo yari Kristo, kandi Kristo yabambwe. Yagerageje kubereka ko ico bokwihatira kwiga kuruta ibindi kandi vyobazanira umunezero, ari ukuri gutangaje kw'agakiza biciye mu kwihana imbere y'Imana no mu kwizera Umwami Yesu kristo. Umunyabwenge atera umugongo umuco w'agakiza, kuko utetereza ivyiyumviro vyiwe vy'ubwibone; umuntu w'isi yanka kuwakira, kuko wohava ubatandukanya n'ibigirwamana vyiwe vy'isi. Paulo yatahuye ko ari ngombwa kamere ya Kristo itahurike imbere y'uko abantu bamukunda canke barabisha umusaraba ijisho ry'ukwizera. Aha ni ho hategerezwa gutangurira icigwa kizoba ubumenyi n'indirimbo y'abacunguwe mu bihe bidashira. Mu muco w'umusaraba niho honyene dushobora kubona agaciro k'umutima w'umuntu.IN 142.1

    Igikorwa c'ubuntu bw'Imana gihingura umuntu gihindura ivyiyumviro vya kimuntu. Umuntu w'inyama n'amaraso ntiyokwipfuza ijuru; ivyipfuzo vyiwe vy'umubiri, imitima itejejwe ntiyokwegakwegwa n'ikibanza kitanduye, cera, kandi naho vyoba vyoshoboka kubareka bakinjira, ntibosangayo ikintu na kimwe kibashimisha. Ivyifuzo bitegeka umutima wa kamere y'umubiri bitegerezwa gucishwa bugufi n'ubuntu bwa Kristo imbere y'uko umuntu yaguye abera kwinjira mw'ijuru n'ukunezerezwa no kubana n'abamarayika bera, batagira agasembwa. Iyo umuntu apfuye ku caha kandi akakira ubugingo busha muri Kristo, urukundo rw'Imana rwuzura umutima wiwe; ugutahura kwiwe kukezwa; anywa kw'isoko idakama y'umunezero n'ubumenyi, kandi umuco w'umusi udashira ugakayanganira mu nzira yiwe, kuko abana ibihe vyose n'Umuco w'ubugingo.IN 142.2

    Paulo yipfuza kwumvisha bene Data b'i Korinto n'abo basangiye igikorwa bari bahamagawe n'Imana kwigisha ukuri, ko bose bakora igikorwa kimwe, kandi ko bose bisunga Imana kugira ngo baroranjrwe mu bikorwa vyabo. Impari zari zavyutse mw'ishengero ku vyerekeye abakoze vyinshi kuruta abandi mu kuvuga ubutumwa ntizari zavuye ku Mana, ahubwo zari zavuye ku gatima ka kamere y'umubiri. «Umuntu umwe ko avuga, ati jeho ndi uwa Paulo; uwundi ati, jeho ndi uwa Apolo, ntimuri abantu se? None Apolo ni iki? Kandi Paulo ni iki? Mbega si abakozi batumye mwizera Imana, nk'uko Imana yahaye umuntu wese? Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije. Nuko uwuzitera ntaco amaze, canke uwuzivomera, atari Imana ikuza.» 1 Ab'i Korinto 3:4-7. Ni Paulo yari yavuze ubutumwa bwiza i Korinto, kandi akahashinga inzego z'ishengero. Iki ni igikorwa Imana yari yamuhaye gukora. Inyuma y'aho, barongowe n'Imana, abandi bakozi barinjijwe mu gikorwa, bakora uruhara rwabo. Imbuto yatewe itegerezwa kuvomererwa, kandi iki ni co gikorwa Apolo yakoze. Yakurikiye Paulo mu gikorwa ciwe, ngo atange izindi nyigisho, kandi ngo afashe gukura imbuto yatewe. Yateye imbuto mu mitima y'abantu ariko, Imana ni yo yayihaye ububasha bwo gukura. Ntabwo ari umuntu, ahubwo ni ubushobozi bw'Imana buhindura kamere. Abatera canke abavomera si bo bashoboza imbuto kumera; bakora bisunze Imana, nk'ibikoresho yitoranirije, bakorana na yo mu gikorwa cayo. Mwene igikorwa ni we akwiriye icubahiro n'ubwiza ku bwo intsinzi ibonetsee.IN 142.3

    Abasuku b'Imana ntibafise ingabire zisa, ariko bose n'abakozi bayo. Umwe wese ategerezwa kwigira ku Mwigisha Mukuru, maze akigisha abandi ivyo yize. Imana yahaye umwe wese wo mu ntumwa zayo igikorwa yiharije. Hari ingabire nyinshi, ariko abakozi bose bategerezwa gukorera mu bumwe, barongowe n'ubushobozi bwera bwa Mpwemu Yera. Ubwo bamenyekanisha ubutumwa bwiza bw'agakiza, benshi baremera kandi bagahindukirira Imana ku bwo ubushobozi bwayo. Umuntu nk'igikoresho ahishijwe hamwe n'Imana muri Kristo, kandi Kristo agaragara nka kizigenza hagati y'ibihumbi cumi, umwe w’ igikundiro. «Uwuzitera n'uwuzivomera ni bamwe: ariko umuntu wese azogererwa nk'uko yakoze igikorwa ciwe. Kuko Imana ari yo dukorana, namwe muri indimiro y'Imana, muri inzu yubakwa n'Imana.» Imirongo 8,9. Muri iyi mirongo Paulo agereranya ishengero n'umurima warimwe, abakozi bakitwararika inzabibu z'umurima w'Umwami; arigereranya kandi n'inyubako, itegerezwa gukura igahinduka ingoro yera y'Uhoraho. Imana ni yo nyene Mukoresha, kandi yahaye umuntu wese igikorwa ciwe. Bose bategerezwa gukora bamwisunze, bakamureka akabakorera kandi agakorera mu bakozi biwe. Abaha ubwenge n'ubukerebutsi, kandi bakurikije inyigisho ziwe, aha intslnzi utwigoro twabo.IN 143.1

    Abasuku b'Imana basabwa gukorera hamwe, bafatanya mu bugwaneza, urupfasoni n'urutonde, ku vyo icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we.» Abaroma 12:10. Ntihakabe kuvuga abandi kutarimwo urukundo, gusambura igikorwa c'uwundi; kandi ntihakabe ukwiremamwo ibice. Umuntu wese Umwami yahaye ubutumwa afise igikorwa ciwe kimwega. Umwe wese arisa, kandi ntashobora gusa n'uwundi muntu. Ariko kandi umwe umwe wese ategerezwa gukorera hamwe na bene Data. Mu gikorwa cabo, abakozi b'Imana basabwa kuba umwe. Nta n'umwe ategerezwa kwishira hejuru y'abandi, akengera abo bikorana canke abafata nk'abari musi yiwe. Umwe wese ategerezwa gukora igikorwa yashinzwe arongowe n'Imana, akubahwa, agakundwa, kandi agafatwa mu mugongo n'abo bikorana. Bose hamwe basabwa gukora ngo barangize igikorwa.IN 143.2

    Izi ngingo nyobozo Paulo arazishirako akatuzo mu rwandiko rwiwe rwa mbere kw'ishengero ry'i Korinto. Paulo avuga «abavuga butumwa ba Kristo» nk’ «abajejwe amabanga y'Imana,» kandi kubwo igikorwa cabo avuga ati: «Abazezwabintu babagombako ko baboneka ari abizigirwa. Ariko ku bwanje, ni nk'ubusa rwose gucirwa urubanza namwe, canke n'urukinja rw'abantu: kandi nanje nyene sinicira urubanza. Kuko ata co niyiziko, ariko si ico kuntsindishiriza: ariko uwuncira urubanza ni Umwami wacu. Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw'ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, nico kuza kw'Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kandi azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabwa n'Imana ishimwe 1 imukwiye.» 1 Ab'i Korinto 4:1-5. Nta muntu n'umwe yahawe uburenganzira bwo gucira imanza abasuku batandukanye b'Imana. Umwami wenyene ni We ashobora gucira urubanza igikorwa c'umuntu, kandi azoha umwe umwe wese ingororano yiwe. Iyo ntumwa, ibandanije, yavuze ku ngereranyo zari zagizwe hagati y'ibikorwa vyayo n'ivya Apolo: irabandanya ivuga iti «Ariko, bene Data, ivyo mvyigereranijeko, jewe na Apolo, ku bwanyu, nk'igishushanyo: kugira ngo ivyo mvuze kuri twebwe bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry'umwe akagaya uwundi. Ni nde aguteye kwitandukanya n'abandi? Kandi ico ufise utahawe ni igiki? Ariko namba waragihawe, ni igiki gituma wirata, nk'uwutagihawe?» Imirongo 6, 7. Paulo yeretse ishengero akaga n'imiruho we n'abo bikorana bihanganiye mu gikorwa ca Kristo. Yavuze ati, «Gushitsa n'ubu, twishwe n'inzara n'inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo, dukoresha amaboko yacu tukaruha: iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana, iyo batwambika ibara turabahoyahoya. Twahindutse umwavu w'isi, n'udukokorwa kuri bose gushitsa n'ubu. Ivyo sindabibandikiye kubatetereza, ariko ni nko kubahanura, nk'abana banje nkunda. Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kuko ari jewe nabavyaje ubutumwa bwiza muri Kristo Yesu.» Imirongo 11-15.IN 144.1

    Uwurungika abakozi b'ubutumwa bwiza nk'ivyariho vyiwe akorwa n'isoni iyo habonetse mu bumviriza ijambo ryabo gukundwakaza umuvugabutumwa umwe n'ukwirengagiza ibikorwa vy'uwundi mwigisha runaka. Imana irungikira ubufasha abantu bayo, atari nk'uko bavyifuza, ariko iravye ivyo bakeneye; kuko abantu babona hafi kandi ntibashobora gutahura ikibabereye ciza kuruta ibindi. Ntivyoroshe ko umuvugabutumwa ashobora kugira impano zose zikenewe zo gushikana ishengero ku rugero ruhagije mu vyo rikeneye vyose vya Gikristo; ni co gituma kenshi Imana ibarungikira abandi bavugabutumwa, umwe wese akaba afise ingabire zibuze mu wundi. Ishengero ryari rikwiye kwakirana ishimwe abo basuku ba Kristo, nk'uko bokwakira Umwami ubwiwe. Bakwiye kubona inyungu mu nyigisho yise umuvugabutumwa wese abashikirije ivuye mw'ijambo ry'Imana. Ukuri abasuku b'Imana bazanye gukwiriye kwakirwa kandi kugashimwa mu kwicisha bugufi, ariko nta muvugabutumwa akwiriye kugirwa ikigirwamana.IN 145.1

    Ku bwo ubuntu bwa Kristo, abavugabutumwa b'Imana bagirwa intumwa z'umuco n'umuhezagiro. Ubwo bashishikarira mu masengesho, baronka inkomezi za Mpwemu Yera kandi bakagenda batwaye umutwaro wo gukiza imitima, imitima yuzuye ubwira bwo kwagura intsinzi y'umusaraba, bazobona icamwa c'ibikorwa vyabo. Mu guhitamwo kwanka kwerekana ubwenge bwabo canke kwishira hejuru, bazokora igikorwa kizorinda imyampi ya Satani. Imitima myinshi izovanwa mu mwiza ije mu muco, kandi amashengero menshi azoshingwa. Abantu bazohindukirira Imana, ntibazohindukirira abantu Imana yakoresheje, ahubwo bazohindukirira Kristo. Inarije izokwigizwa inyuma; Kristo gusa, Wa muntu w ‘i Kaluvari, azoseruka. Abo bakorera Kristo uyu musi, barashobora kwerekana ingeso zidasanzwe mwene izo, zagaragaye mu bamamaje ubutumwa bwiza mu gihe c'intumwa. Imana yiteguye uyu musi guha ubushobozi abasuku biwe nk'uko yabuhaye Paulo na Apolo, Sila na Timoteyo, Petero, Yakobo na Yohana.IN 145.2

    Mu gihe c'intumwa hari abantu bamwe bazimiye bibwira ngo bizera Kristo, ariko bakanka kwubaha Ivyariho vyiwe. Bavuga ko badakurikira umwigisha w'umuntu, ngo bobo biyigishirizwa na Kristo ubwiwe bidaciye ku bufasha bw'abakozi b'ubutumwa bwiza. Bari banyamwigendako mu vyiyumviro vyabo kandi ntibashaka kwumvira ijwi ry'ishengero. Abantu nk'abo bari mu kaga gakomeye ko guhendwa. Imana yashinze mw'ishengero, nk'abafasha bayo, abantu b'ingabire zitandukanye, kugira ngo biciye mu bwenge bw'abantu benshi ishikire imitima. Abantu bakora bisunze inkomezi zabo za kamere bakanka gukorana n'abandi bababoneye izuba mu gikorwa c'Imana, bazohinduka impumyi kubwo gushira ivyizigiro muri bo, ntibashobore gutandukanya ukuri n'ikinyoma. Abantu nk'abo ntibabereye kuba abarongozi mw'ishengero; kuko bohava bakurikira ivyiyumviro vyabo n'imigambi yabo, batifayeho ivyiyumviro vya bene Data. Birorohera umurwanizi gukorera muri abo bantu, bo ubwabo bakeneye guhanurwa kuri buri ntambwe batera, hanyuma bakigira abarinzi b'imitima mu nkomezi zabo, batize ukwicisha bugufi kwa Kristo. Ibiboneka inyuma ku maso ntibihagije kuyobora umuntu mu gikorwa. Umurwanizi kenshi yemeza abantu kwizera ko Imana iriko irabayobora, kandi mu vyo ukuri bariko barakurikira ibisunitswe na kamere y'umuntu. Ariko tubaye maso, kandi tugasaba inama bene Data, tuzotahura ubugombe bw'Umwami; kuko isezerano ari, «Abicisha bugufi azobarongora mu vyo ukugororoka, abicisha bugufi azobarangira inzira yiwe.» Zaburi 25:9.IN 145.3

    Mw'ishengero rya Kristo rya mbere hariho abantu banka kwemera Paulo canke Apolo, ariko bakemera ko Petero ari we murongozi wabo. Bemeza ko Petero yabanye hafi na Kristo igihe Uwo mwigisha yari mw'isi, ariko ko Pauko yamye ahama abizera. Ivyiyumviro vyabo n'uburyo babona ibintu vyari bihagaze ku mwikeko. Ntiberekana ugutanga, uburwaneza, urukundo, vyerekana ko kristo aba mu mIN 146.1

    Hari akaga ko uwo mutima wo kwirema ibice uzovukamwo akabi kabishe kw'ishengero rya Kristo, kandi Paulo yabwiwe n'Umwami kuvuga amajambo akomeye yo kubahanura n'ukurwanya ivyo bintu ku mugaragaro. Kuri abo bavuga ngo «Jeho ndi uwa Paulo; uwundi ati Jeho ndi uwa Apolo; uwundi ati Jeho ndi uwa Kefa; uwundi ati Jeho ndi uwa Kristo,» Paulo yababajije ati, «Mbega kristo aragabanijwemwo ibice? Paulo yarababambiwe? Canke mwabatijwe mw'izina rya Paulo?» Yabinginze avuga ati, «Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ari ivyanyu; ari Paulo, canke Apolo, canke Kefa, canke isi, canke urupfu, canke ibiriho, canke ibizoba, vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristo, Kristo ni uw'Imana.» 1 Ab'i Korinto 1:12,13; 3:21-23.IN 146.2

    Paulo na Apolo bari mu bumwe bwuzuye. Apolo yarababajwe n'izo ndyane zari mw'ishengero ry'i Korinto; ntiyashimishijwe n'uko bamukundwakaza, canke ngo abishigikire, ahubwo yihuse kuva muri iyo ntambara. Igihe Paulo inyuma y'aho yamusaba kwongera kugendera Korinto, yaranse kandi ntiyongeye gukorerayo, gushika igihe ishengero ryari rimaze kugera ku rugero rwiza mu vya Mpwemu.IN 146.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents