Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 43: I Roma

    Iki kigabane Gihimikiye ku Vyakozioe 28:11-31 n'Ikete kuri Filemoni

    Ingendo zo kumazi zimaze kwugururwa, ya ntwazangabo y'abasoda ijana hamwe n'abafungwa batangura urugendo bagana i Roma. Izo ngenzi zinjira mu bwato bwavuye muri Alekisandiriya, bwitwa «Kasitori na Poluki» bwari bumaze iyo misi y'urushana ku kizinga ca Melita bugana i Burengerazuba. Naho bwatevye kubera umuyaga uhushanye n'intumbero v'ubwato, urugendo rwagenze neza, maze ubwato buhagarara ku kivuko giteye igomwe ca Puteyoli, ku nkengera y'Ubutaliyano. Muri ico kibanza hari Abakristo bakeyi, nuko binginga ya ntumwa ngo bamarane na bo imisi indwi, ya ntwazangabo y'abasoda ijana irabibemerera. Kuva baronse ikete Paulo yandikiye Abaroma, Abakristo bo mu Butaliyano bari bifuje cane ko iyo ntumwa ibagendera. Ntibashobora kwiyumvira ko bazomubona ari imbohe, ariko ububabare bwiwe bwabateye kumukunda kuruta. Kubera hagati ya Puteyoli na Roma hari ibirometero amajana abiri, Kandi ikivuko kikaba caguma gifise imigenderanire n'umugwa mukuru, Abakristo b'i Roma baramenye ko Paulo yegereje kubashikira, maze bamwe muri bo baherako baja kumutegera no kumuha ikaze.IN 233.1

    Ku musi ugira umunani kuva ubwato bushitse, ya ntwazangabo y'abasoda ijana hamwe n'abafungwa bashika i Roma. Yuliya agirira Paulo ivyiza vyose ashoboye; ariko ntiyashobora kugira ico ahinduye kuri iyo mbohe canke ngo ayibohore umunyororo wari uyiboheye ku musoda amurinda. Paulo yashitse ku mugwa mukuru w'isi aho bari bamwiteze kuva kera aremerewe cane mu mutima. Ese ingene yari atandukanye n abo yari yiteze kubona! Vyashoboka bite ko avuga ubutumwa ari imbohe kandi ashinyagurirwa? Ivyizigiro vyiwe vyo kuzana benshi ku kuri i Roma, vyasa n'umugani. Vyatevye izo ngenzi zishika ahitwa Akaguriro ka Apiyo, ibirometero mirongo itandatu ngo ushike i Roma. Ubwo banyura hagati y'isinzi ry'abantu buzuye muri ico kibanza c amayirabiri, uwo mutama w'imvi, abohewe hamwe n'inkozi z'ikibi rurangiranwa, yakirwa n'amenyo y'abatwenzi n'agashinyaguro.IN 233.2

    Niho humvikana akamo k'umunezero, maze abantu benshi bisaturira inzira hagati y'iryo sinzi ry'abantu, maze bagwa kw'izosi ry'iyo mbohe, bamuhobera barira n'umunezero, nk'umwana yakirana igishika umuvyeyi wiwe baari baratandukanye kuva kera. Ivyo vyarakomeje ubwo amaso menshi yamurabana urukundo, benshi bakabona muri iyo mbohe wa wundi Korinto, i Filipi, muri Efeso, yari yababwiye amajambo y ubugingo. Ubwo abo bigishwa bagundanira kuri se wabo yabavyaje ubutumwa, abantu bose basabwa guhagarara. Abasoda nta mwanya bagomba gutakaza, ariko kandi ntibashobora kubuza iryo huriro ry akanyamuneza; kuko na bo nyene bari bize kwubaha n'ugukunda iyo imbohe yabo. Muri ayo maso arushe n'umubabaro, abigishwa babonye ubwiza bwa Kristo buhakayanganira. Bemeza Paulo ko batamwibagiye canke ngo bahengeshanye kumukunda; bamwemeza ko ari we bakesha ivyizigiro vy'umunezero bafise kandi bibaha amahoro imbere y'Imana. Ku bwo urukundo bamufitiye, bari kumucisha mu gisagara bamuhetse iyo baronka ayo mahirwe.IN 233.3

    Ni bake batahura ubusobanuro bw'aya majambo ya Luka, ko igihe Paulo yabona bene Data «ashima Imana, kandi ararema.» Hagati y’ iryo koraniro ry'abizera bamwakiranye amarira, batakorwa n'isoni ku bwo imvuto ziwe, iyo ntumwa yaraturitse ishima Imana. Igicu c'akababaro cari mu mutima wiwe gica kirayonga. Ubuzima Rukristo bwiwe bwari bwabaye urukurikirane rw'amageragezwa, imibabaro, n'agahinda, ariko muri ako kanya, yumvise aronse inshumbushanyo. Yabandanije urugendo rwiwe aremye kandi anezerewe. Ntiyisiba ku bwo ako kahise, canke ngo atinye kazoza. Yari azi ko imvuto n'imibabaro bimurindiriye; ariko yari azi kandi ko ivyo vyashitse kugira ngo akize imitima imvuto zirushirije kuba mbi, maze anezerezwa no kubabazwa ku bwa Kristo.IN 234.1

    I Roma, Yuhya ashikiriza imbohe ziwe umukuru w'abarinzi b'umwami. Ivyiza yavuze kuri Paulo, bifatanije n'ikete rya Fesito, vyatumye umukuru w'ingabo yakira neza Paulo, kandi aho gutabwa mw'ibohero, ahabwa uburenganzira bwo kuba mu nzu yisangije. Naho yaguma aboheye ku musoda, yari afise umwidegemvyo wo kwakira abagenzi no gukora ngo yagure igikorwa ca Kristo.Benshi mu Bayuda bari birukanywe i Roma mu misi yashize, bari bemerewe kugaruka, ku buryo benshi muri bo bashobora kuba ariho bari. Paulo yafashe ingingo yo kubabwira ivyiwe n'igikorwa ciwe, abansi biwe batararonka akaryo ko kumurega kuri bo. Imisi itatu ishize bashitse i Roma, ahamagara abakuru bo muri bo abakoraniriza hamwe, maze mu majambo yoroshe kandi atarya umunwa ababwira icatumye aza i Roma nk'imbohe. Arababarira, ati «Bagabo bene Data, naho ntagize ikibi nakoze ku bwoko bwacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bampaye Abaroma ndi imbohe, bamvanye i Yerusalemu. Naho bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kuko ata nyanduruko yambonetseko yo kunyica. Ariko Abayuda batagaye, numva nkwiye kwitwara kuri Kayisari; ariko si uko mfise ico ndega ubwoko bwacu. Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonana: kuko ivyo Abisirayeh bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo.» Ntiyacishije mu kanwa ibibi Abayuda bamukoreye, canke imigambi yabo yo kumuryamira ngo bamwice. Amajambo yiwe yari amajambo yitondewe kandi y'ubugwaneza. Ntiyarondera ko abantu bamukunda canke ngo bamwiyumvemwo, ahubwo yashaka kuhagararira ukuri no kudakoza isoni ubutumwa bwiza.IN 234.2

    Nabo bamwishura ko ata makete baronse avuye i Yudaya amurega, karidi ko bene Data baje ata wababariye inkuru mbi yiwe, canke ngo amuvuge nabi. Bamweretse kandi ko bifuza cane kwumviriza imvo ziwe zo kwizera kristo. Bavuze bati, «Kuko ku vyo ico gice, tuzi ko abantu benshi bakivuga nabi.»Kubera bavyifuje, Paulo abasaba gushinga umusi kugira ngo azobabwire ukuri kw'ubutumwa bwiza. Ku musi basezeranye baza ari benshi, «arabibasobanurira, ashingira intahe ivyo ubwami bw'Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose, no mu vyo abavugishwa n'Imana. Ahera mu gitondo ashitsa ku mugoroba.» Yarababariye ivyamubayeko, abereka ivyemezo mw'Isezerano rya Kera mu majambo yoroshe, adaca i ruhande kandi n'ubushobozi.IN 235.1

    Iyo ntumwa yaberetse ko idini atari imihango n'imigenzo, ivyo abantu bemera badatohoje canke ivyiyumviro vy'abantu. Iyaba vyashoboka, umuntu w'umubiri yobitahuye mu bushakashatsi bwiwe, nk'uko atahura ibintu vy'isi. Paulo yigishije ko idini ari inkomezi zigaragara, zikiza, ibintu biva ku Mana, imigenderanire y'umuntu n'ububasha bw'Imana buhindura umutima. Yaberetse ingene Mose yari yeretse Isirayeli Kristo nk'Umuvugishwa n'Imana basabwa kwumvira; ingene abavugishwa n'Imana bose bamwerekanye nk’ umuti ruhasha w'Imana ku caha, Uwutakoze icaha yategerezwa kwiremeka ivyaha n'igihano cavyo. Ntiyabonye amakosa mu mihango n'imigenzo yabo, ariko yaberetse ko naho bihambirira kuri iyo mihango, bariko baratera umugongo Uwo iyo mihango yose yagereranya. Paulo yemanze ko atarahindukirira Imana yamenye Kristo, batabonanye amaso mu yandi, ahubwo akurikije ivyiyumviro abandi bose bari bafise, yishimira kamere n'igikorwa ca Mesiya azoza. Yari yihakanye Yesu Umunyanazareti ngo ni umwangushi kubera atari ahwanye n'ivyo vyiyumviro. Ariko ubu noneho, uburyo abona Kristo n'igikorwa camuzanye cari kirushirije kuba ica Mpwemu kandi gihambaye kuruta, kubera yari yarahindukiriye Imana. Paulo yababariye ko ataberetse Kristo mu buryo bw'umubiri. Herode yari yabonye Kristo ari mu mubiri w'umuntu; Ana yari yaramubonye; Pirato n'abaherezi n'abakuru bari baramubonye; abasoda b'Abaroma bari baramubonye. Ariko ntibari bamubonye n'amaso yo kwizera; ntibari bamubonye nk'Umukiza w'icubahiro. -Kumenya Kristo ku bwo kwizera, kumumenya mu buryo bw'impwemu, vyategerezwa kwifuzwa kuruta kumubona igihe yaseruka kw'isi. Ubumwe na Kristo Paulo yari afise ubu bwari bukomeye kuruta, ari ubwo igihe kirekire kuruta kubana na we kw'isi kandi ari umuntu.IN 235.2

    Igihe Paulo yavuga ivyo azi, ashingira intahe ivyo yabonye kuri Yesu Umunyanazareti nk'ivyizigiro vya Isirayeli, abarondera ukuri ata buryarya baremeye. Kuri bamwe, amajambo yiwe yiyanditse mu mitima yabo ubutakihava. Ariko abandi barikomantaje imitima banka kwakira ivyemezo vy'Ivyanditswe Vyera, naho vyatangwa n'umuntu yamurikiwe na Mpwemu Yera mu buryo budasanzwe. Ntibashobora kuvuguruza ivyiyumviro vyiwe, ariko ntibemeye indunduro yavyo. Amezi menshi yaraheze kuva Paulo ashitse i Roma, imbere y'uko Abayuda b'i Yerusalemu bishikira ngo barege iyo mbohe. Bari bateshejwe incuro nyinshi gushitsa imigambi yabo; ubu noneho ko Paulo agira acirwe urubanza na sentare ya nyuma y'ubwami bw'Abaroma, ntibifuza kwongera gutaha zirayoye. Lusiya, Feliki, Fesito, na Agiripa bose bari batangaje ko ata caha kimwagira. Abansi biwe bari basigaje ikizigizigi ku kwikundwakaza ku mwami. Gutevya urubanza vyabafasha kuronka umwanya uhagije wo kuronka ivyo barementanya, niko kurindira imbere y'uko barega iyo ntumwa imbonankubone. Mu nteguro zitangaje z'Imana, gutevya urubanza vyafashije mu kuvuga ubutumwa. Kubera abari barinze Paulo bamwiyumvamwo, yemerewe kuba mu nzu ibereye, aho ashobora guhura n'abagenzi biwe ata nkomanzi, n'ukubwira ukuri buri musi abaza kumwumviriza. Gutyo rero, mu myaka ibiri yose, yabandanije ibikorwa vyiwe, «akabahanura mu vyo ubwami bw'Imana, akigisha ivyo Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.»IN 235.3

    Muri ico gihe, amashengero yari yashinze mu turere twinshi ntiyayibagiye. Abonye akaga gahanze abakiriye uko kwizera gusha, iyo ntumwa yagerageje uko ishoboye kubafasha mu makete yo kubagabisha n'inyigisho zifadika. Kandi yarungitse intumwa zitanga zo gukorera atari amashengero y'i Roma gusa, ahubwo no mu tundi turere we ubwiwe atari yarashoboye kugendera. Abo bakozi, nk'abungere b'ubwenge, bakomeje igikorwa Paulo yari yaratanguje; maze iyo ntumwa, iguma ironka inkuru z'ubuzima bw'ayo mashengero n'akaga kayageramiye, mu kugumya imigenderanire n'abo bakozi, maze ashobora kuyagenzura neza yose. Gutyo rero, naho vyasa n'uko adashobora gukora, Paulo yakoze ibihambaye kuruta iyo aronka umwidegemvyo wo kugendera muri ayo mashengero nk'uko yabikora mu myaka y'imbere. Nk'imbohe y'Umwami, yari afitaniye ubumwe bukomeye na bene Data; kandi amajambo yiwe, yanditswe n'umuntu ari mu mvuto ku bwa Kristo, yatuma abantu bayaha agaciro kuruta igihe yari kumwe na bo. Abizera ntibigeze batahura neza imitwaro Paulo yikorera ku bwa bo, gushika igihe yavanwa hagati yabo. Gushika ubu bari batanze ivyitwazo vyo kudakora ico bajejwe n'ukwikorera imitwaro kubera ko batari bafise ubwenge n'ubushishozi nk'ubwiwe, n'inkomezi ziwe zitangaje; ariko noneho, bari bonyene muri ubwo butashobozi buke bategerezwa kwiga ivyigwa bari barirengagije, baha agaciro amajambo yiwe yo kubagabisha, impanuro ziwe, n'inyigisho ziwe kuruta uko bari bahaye agaciro igikorwa yakoreye muri bo. Kandi kubera bamenye ubushizi bw'amanga bwiwe n'ukwizera kwiwe muri ico gihe kirekire ari mu mvuto, ivyo vyatumye bahitamwo kuyoboka no kwijukira igikorwa ca Kristo.IN 236.1

    Mu bafasha Paulo i Roma harimwo abagendana na we n'abo bahoze bakorana. Luka, «umuganga mukundwa,» yari yamwitayeho mu rugendo rwiwe aja i Yerusalemu, mu myaka ibiri afungiwe i Kayisariya, n'igihe ca rwa rugendo rw'irinde mu kiyaga aja i Roma, yakomeje kubana na we. Timoteyo na we nyene yaramuremesheje. Tukiko, «mwene Data dukunda, umukozi w'umwizigirwa, umugenzi dukorana mu Mwami wacu,» yagumye i ruhande rwa Paulo ubudahengeshanya. Dema na Mariko na bo nyene bari kuinwe na we. Arisitariko na Epafura bari «abo bisangiye umunyororo.» Ab'i Kolosisayi 4:7-14.IN 237.1

    Kuva imyaka ya mbere y'ukwizera kwiwe, ubuzima Rukristo bwa Mariko bwarakomejwe. Ubwo yari yarize neza ubuzima n'urupfu vya Kristo, yatahuye neza igikorwa c'Umukiza, imiruho yiwe n'ingorane yaciyemwo. Ubwo yasoma mu nkovu z'ibiganza vya Kristo no mu birenge vyiwe ikimenyamenya c'igikorwa yakoreye abari mw'isi, n'aho ukwiyanka ku bwo gucungura umuntu kugera, Mariko yari yiyemeje gukurikira Umwami mu nzira y'ukwitanga. Ubu, yifatanije na Paulo nk'imbohe, yatahuye cane kuruta ibindi bihe vyose ko kuronka Kristo biruta inyungu zose, kwari ubuhombe kwunguka isi, ugatakaza ubugingo bwatumye Kristo asesa amaraso ngo aburokore. Imbere y'amageragezwa akomeye n'abarwanizi, Mariko yabandanije kuba umufasha ntahemuka w'iyo ntumwa. Dema, yabanye na we igihe gito, hanyuma aheba igikorwa ca Kristo. Paulo abivuga mu majambo yanditse, «Dema yarantaye, kuko akunze iyi si ya none.» 2 Timoteyo 4:10. Ku bwo inyungu z'isi Dema yahevye ibikomeye kandi bitunganye. Mbega ubuhumyi buri aho! Kuba yaronse gusa ubutunzi bw'isi canke icubahiro, Dema yabaye umukene vy'ukuri, naho we yiyita uwuhambaye; ariko Mariko, yahisemwo kubabara ku bwa Kristo, yari afise ubutunzi bw'ibihe bidashira, ku bwo guharurwa mw'ijuru nka samuragwa w'Imana, nuwuraganwa n'Umwana wayo. Mu bahaye imitima yabo Imana ku bwo ibikorwa vya Paulo i Roma, harimwo Onesimo, umugurano w'umupagani yari yarivye shebuja, Filemoni, Umukristo wo muri Kolosi, yari yatorokeye i Roma. Mu bugwaneza, Paulo yashaka gutabara iyo mpunzi mu bukene n'agahinda kayo ngo maze abonereho kuzana umuco w'ukuri mu mutima wiwe wuzuye umwiza. Onesimo yumvirije amajambo y'ubugingo, yatura ivyaha vyiwe, kandi arahinduka yakira Kristo.IN 237.2

    Onesimo yashimishije Paulo ku bwo kwubaha Imana kwiwe, kuba imvugakuri n'uburyo yitayeho Paulo, no ku mwete wiwe mu kwamamaza ubutumwa bwiza. Paulo yamubonyemwo kamere izotuma aba umufasha nkenerwa mu gikorwa co gutwara ubutumwa, maze amusaba gusubira kwa Filemoni adatevye, ngo amusabe ikigongwe, no kwitegurira kazoza. Paulo yiyemeje kuriha amahera yari yarivye Filemoni. Igihe yitegura kurungikana Tukiko amakete muri Asiya ya Hafi, yamurungikanye na Onesimo. Cari igipimo kitoroshe kuri uyu mugurano, gusubira kwa shebuja yari yarivye; ariko yari yarahindutse koko, ntiyirengagije rero igikorwa kimwega.IN 237.3

    Paulo yarungikanye Onesimo ikete yandikiye Filemoni, yanditsemwo mu majambo yiwe asanzwe y'ubugwaneza n'ubwenge, iyo yinginga avugira uwo mugurano yihanye kandi yerekana icifuzo ciwe co kumwikorako ngo amufashe ibikorwa muri kazoza. Iryo kete ritanguza amajambo y'ubugwaneza, y'indamutso ashikiriza Filemoni nk'umugenzi n'uwo bisangiye igikorwa: «Ubuntu bube muri mwebwe n'amahoro biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo. Nshima Imana yanje ubudasiba, nguhoza mu kanwa uko nsenze, kuko numvise urukundo rwawe n'ukwizera Umwami Yesu kwawe, uko wereka abera bose: kugira ngo ugufataniriza mu kwizera kwawe gushobore vyinshi ku bwa kristo, mu kumenyekanisha ivyiza vyose vyo muri twebwe.» Iyo ntumwa yibukije Filemoni ko umugambi wose n'imico myiza yari afise vyavuye ku buntu bwa kristo; ubwo bwonyene ni bwo bwamugize uwutandukanye n'ab'iyi si yamogoreye gukora icaha. Ubwo buntu nyene bwashobora guhindura umwicanyi bukamugira umwana w'Imana n'umukozi ngirakamaro w'ubutumwa bwiza.IN 238.1

    Paulo yari guhatira Filemoni gukora igikorwa ciwe nk'Umukristo; ariko yakoresheje imvugo yo kwinginga: «Paulo, umutama, kandi none ndi imbohe ya Kristo Yesu. Ndakwitwayeko ku mwana wanje Onesimo uwo navyariye mu minyororo yanje, atakugirira ikimazi kera, ariko noneho atugirira ikimazi twempi.» Iyo ntumwa yasavye Filemoni, kubera guhinduka kwa Onesimo, kwakira uwo mugurano yihanye nk'umwana wiwe bwite, amwereka urukundo rwotuma ahitamwo kugumana na shebuja wiwe wa kera, «atakiri umugurano wawe, ariko aruta umugurano, ari mwene So, akundwa.»Yamweretse icifuzo ciwe co kumugumya ngo amukorere mu mvuto ziwe nk'uko Filemoni ubwiwe yashobora kubikora, naho atashaka ko amukorera kiretse Filemoni amuhaye uburenganzira ata kugoberwa. Iyo ntumwa yari izi agahahazo abantu bagirira abagurano babo, kandi yari azi ko Filemoni yari yashavuye kubera inyifato y'umusuku wiwe. Yagerageje kumwandikira mu buryo bwotuma agira inyifato y'urukundo Rukristo. Uguhinduka kwa Onesimo kwari kwamuhinduye umuvukanyi mu kwizera, kandi igihano ico ari co cose uwo Mukristo musha yari guhabwa cari kuba nk'uko ari Paulo agihawe. Paulo yahisemwo kwiremeka umwenda wa Onesimeo, kugira ngo uwakoze icaha aharirwe, yongere asubire mu ruhongore rw'ivyiza yari yarikuyemwo. Yandikiye Filemom ati, «Namba unyiyumvira ko dusangiye igikorwa, umwakire nk'uko nanje wonyakiriye. Ariko asangwa hari ico yaguhemukiyeko, canke umwenda agufitiye, ubimparureko.»IN 238.2

    Raba akarorero keza k'urukundo rw'umunyavyaha yihanye! Uwo musuku yari yivye shebuja nta kintu yari afise co kuriha uwo mwenda. Uwo munyavyaha yivye Imana imyaka yari kumukorera nta co afise co guhanagura uwo mwenda. Yesu ahagarara hagati y'umunyavyaha n'Imana, maze akavuga, ati Nzoriha uwo mwenda. Reka uwo munyavyaha abeho; nzobabara mu kibanza ciwe. Amaze kwiyemeza kuriha umwenda wa Onesimo, Paulo yibukije Filemoni ingene na we ubwiwe yari afitiye umwenda iyo ntumwa. Uwo mwenda yari we ubwiwe, uhereye igihe Imana yakoresheje Paulo ngo Filemoni ahindukirire Imana. Nuko amwinginga mu bugwaneza, asaba Filemoni ko, nk'uko yari yagiriye neza abera, yoruhura umutima w'iyo ntumwa mu kumwemerera ivyo yamusavye vyomutera umunezero. Yongeyeko ati, «Nkwandikiye nizigiye neza ko uzonyumvira, nzi neza ko uzokora n'ibiruta ivyo mvuze.»IN 239.1

    Ikete Paulo yandikiye Filemoni ryerekana igikorwa c'ubutumwa bwiza ku migenderanire iri hagati y'umusuku na shebuja. Kuba umugurano vyari ibintu vyashinzwe hose mu bwami bwa Roma, kandi abasuku na bashebuja baboneka mu mashengero yose Paulo yakoreyemwo Mu bisagara, aho abagurano baruta abanyagihugu bidegemvya, amategeko akomeye bayabona nk'ikintu nkenerwa kugira abagurano bagamburuke. Umutunzi w'Umuroma kenshi yagira acagurano amajana n'amajana bavuye mu vyiciro vyose, mu bihugu vyo3e, kandi bakora ibikorwa bitandukanye. Yari abafiseko ububasha ku mitima no ku mibiri akabateza unibabaro yishakiye. Iyo hagize uwiyanka agashaka kwivuna mu kurwana na shebuja, umuryango wiwe wose wategerezwa gutangwako incungu. Agakosa gato konyene, isanganya canke gufata ibintu minenerwe vyarahanwa ata kigongwe.IN 239.2

    Ba shebuja bamwe bamwe bafata abagurano babo nk'abantu kuruta abandi, bakabagirira impuhwe; ariko benshi mu batunzi n'abaganwa ntibagarugwa mu gukurikira ivyifuzo vy'imibiri yabo, n'inda zabo, bakagira abagurano babo uko bishakiye kandi bakabahahaza. Muri rusangi iyo mico yari yarataye akaranga k'ubuntu. Nti cari igikorwa c'iyo ntumwa guhindura uko yishakiye canke bukwi na bukwi ibintu vyari vyashinzwe mu gihugu nk'ibisanzwe. Gukora atyo vyari kubera intambamyi iterambere ry'ubutumwa bwiza. Ariko yigishije ingingo zikora ku mutima w'umugenzo w'ubugurano kandi zishizwe mu ngiro, zari gusenyura uwo mugenzo wose. Yavuze ati, «Aho Mpwemu w'Umwami ari, ni ho haba umwidegemvyo.» 3 Ab'i Korinto 3:17. Umugurano ahindukiriye Imana yaca acika urugingo rw'umubiri wa Kristo, kandi ku bwo ivyo yategerezwa gukundwa kandi agafatwa nk'umuvukanyi, uwuzoraganwa hamwe na shebuja imigisha y'Imana n'amahirwe y'ubutumwa bwiza. Ku rundi ruhande, abasuku bategerezwa kurangura amabanga bajejwe, «ntimubakorere bakibahagarikiye, nk'abanezereza abantu, ariko mubakorere nk'abagurano ba Kristo, mukora ivyo Imana igomba bivuye ku mutima.» Abanyefeso 6:6. Ubukristo buzana ubumwe hagati y'umugurano na shebuja, umukozi w'ubutumwa bwiza n'umunyavyaha yafutanye yaronse muri Kristo ukwuhagirwa icaha. Bogejwe mu maraso amwe, bakorwako na Mpwemu umwe; kandi bagirwa umwe muri Kristo Yesu.IN 239.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents